Mana yacu Rurema Allah! Tugire abislamu bicisha bugufi imbere yawe, no mu ruvyaro rwacu Ugire umugwi wicisha bugufi, ukugamburukira, Utwereke imigirwa yacu n’aho itegetswe mu gihe co gushengerera ingoro yawe ntagatifu, Wongere Utubabarire. Mu vy’ukuri, Wewe Urumvira abatakamba mu biremwa, Uri Nyenimbabazi ku batoni bawe;
Mana yacu Rurema Allah! Urarungika muri bo Intumwa ivuye mu ruvyaro rwa Ismayili, ibasomera Aayah zawe ikongera ikabigisha Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo yayo “Sunnah”, inabeze ivyaha vy’ibangikanyamana n’ingeso mbi zose. Mu vy’ukuri, ni na Wewe rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora”.
Nta wirengagiza rero idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa kiretse ikijuju kitiyizi ico kiri. Ni ukuri Twaratoye Ibrahimu kuba Umuvugishwamana akongera akaba n’Intumwa kw’isi, kandi mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri azoba ari mu beranda bubashwe;
Mbega mwa Bayahudi mwe! Mwoba mwari ivyabona igihe Yakubu yari ku mpfiro, igihe yegeranya abana biwe maze akabaraga ababaza ati: “Mbega bane banje, mu nyuma zanje muzosenga iki?”, maze na bo barishura bati: “Tuzosenga Imana yawe, Ikaba ari na Yo Mana y’abavyeyi bawe: Ibrahimu, Ismayili na Is-haka; Imana Imwe Rudende, kandi twebwe kuri Yo turi abislamu twicisha bugufi mu kuyisenga tutayibangikanya”.
Uwo rero ni umugwi w’abakurambere banyu mu kwemera bamaze kurengana, bafise ivyiza barondeye, na mwe nyene mufise ivyiza canke ibibi mwarondeye, kandi ntimuzobazwa ku bikorwa bari barakoze, eka mbere na bo nyene ntibazobazwa ku bikorwa mwakoze[16].
[16] Iyi Aayah, irerekana ko imbere y’Imana Allah ata kwitwaza ubuvandimwe canke ubwoko, n’uko umwe wese mu biremwa azobazwa ivyo yakoze canke yagizemwo uruhara ku gatwe kiwe, n’uko kandi ukwemera kurimwo agakiza, ari ukwemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa zayo zose, hamwe rero no kuzikurikira. Uwuhakanye rero Intumwa imwe muri zo, afatwa nk’uwuhakanye Intumwa zose.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
অনুসন্ধানৰ ফলাফল:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".