Check out the new design

আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-বাক্বাৰাহ   আয়াত:
وَإِذۡ يَرۡفَعُ إِبۡرَٰهِـۧمُ ٱلۡقَوَاعِدَ مِنَ ٱلۡبَيۡتِ وَإِسۡمَٰعِيلُ رَبَّنَا تَقَبَّلۡ مِنَّآۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Ibuka n’igihe Ibrahimu na Ismayili (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah) baduza inkingi z’ingoro ntagatifu “Al-Ka’ba” bariko batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twakirire iki gikorwa n’igisabisho cacu. Mu vy’ukuri, ni Wewe rero Nyenukwumva, Urumva ivyo tuvuga, Nyenubumenyikurivyose, Urazi n’ivyo duhisha mu mishaha;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
رَبَّنَا وَٱجۡعَلۡنَا مُسۡلِمَيۡنِ لَكَ وَمِن ذُرِّيَّتِنَآ أُمَّةٗ مُّسۡلِمَةٗ لَّكَ وَأَرِنَا مَنَاسِكَنَا وَتُبۡ عَلَيۡنَآۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ
Mana yacu Rurema Allah! Tugire abislamu bicisha bugufi imbere yawe, no mu ruvyaro rwacu Ugire umugwi wicisha bugufi, ukugamburukira, Utwereke imigirwa yacu n’aho itegetswe mu gihe co gushengerera ingoro yawe ntagatifu, Wongere Utubabarire. Mu vy’ukuri, Wewe Urumvira abatakamba mu biremwa, Uri Nyenimbabazi ku batoni bawe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
رَبَّنَا وَٱبۡعَثۡ فِيهِمۡ رَسُولٗا مِّنۡهُمۡ يَتۡلُواْ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتِكَ وَيُعَلِّمُهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَيُزَكِّيهِمۡۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Mana yacu Rurema Allah! Urarungika muri bo Intumwa ivuye mu ruvyaro rwa Ismayili, ibasomera Aayah zawe ikongera ikabigisha Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo yayo “Sunnah”, inabeze ivyaha vy’ibangikanyamana n’ingeso mbi zose. Mu vy’ukuri, ni na Wewe rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَن يَرۡغَبُ عَن مِّلَّةِ إِبۡرَٰهِـۧمَ إِلَّا مَن سَفِهَ نَفۡسَهُۥۚ وَلَقَدِ ٱصۡطَفَيۡنَٰهُ فِي ٱلدُّنۡيَاۖ وَإِنَّهُۥ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ لَمِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Nta wirengagiza rero idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa kiretse ikijuju kitiyizi ico kiri. Ni ukuri Twaratoye Ibrahimu kuba Umuvugishwamana akongera akaba n’Intumwa kw’isi, kandi mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri azoba ari mu beranda bubashwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِذۡ قَالَ لَهُۥ رَبُّهُۥٓ أَسۡلِمۡۖ قَالَ أَسۡلَمۡتُ لِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ivyo bigaterwa n’ubugamburutsi bwiwe igihe Imana yiwe Rurema Allah Yamubwira Iti: “Tsimbatara kw’idini ry’ubwislamu” ; na we akishura ati: “Naramaze kuba umwislamu nicisha bugufi mu gusenga Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَوَصَّىٰ بِهَآ إِبۡرَٰهِـۧمُ بَنِيهِ وَيَعۡقُوبُ يَٰبَنِيَّ إِنَّ ٱللَّهَ ٱصۡطَفَىٰ لَكُمُ ٱلدِّينَ فَلَا تَمُوتُنَّ إِلَّا وَأَنتُم مُّسۡلِمُونَ
Ni iryo ragi rero Ibrahimu yaraze abana biwe ko botsimbatara ku bwislamu, rikaba ari na ryo ragi nyene Yakubu batazira Israyeli yaraze uruvyaro rwiwe ati: “Bane banje! Mu vy’ukuri, Imana Allah Yarabahitiyemwo idini ry’ubwislamu, muraritsimbatarako mu buzima bwanyu bwose, ntimuzopfe mutari abislamu”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَمۡ كُنتُمۡ شُهَدَآءَ إِذۡ حَضَرَ يَعۡقُوبَ ٱلۡمَوۡتُ إِذۡ قَالَ لِبَنِيهِ مَا تَعۡبُدُونَ مِنۢ بَعۡدِيۖ قَالُواْ نَعۡبُدُ إِلَٰهَكَ وَإِلَٰهَ ءَابَآئِكَ إِبۡرَٰهِـۧمَ وَإِسۡمَٰعِيلَ وَإِسۡحَٰقَ إِلَٰهٗا وَٰحِدٗا وَنَحۡنُ لَهُۥ مُسۡلِمُونَ
Mbega mwa Bayahudi mwe! Mwoba mwari ivyabona igihe Yakubu yari ku mpfiro, igihe yegeranya abana biwe maze akabaraga ababaza ati: “Mbega bane banje, mu nyuma zanje muzosenga iki?”, maze na bo barishura bati: “Tuzosenga Imana yawe, Ikaba ari na Yo Mana y’abavyeyi bawe: Ibrahimu, Ismayili na Is-haka; Imana Imwe Rudende, kandi twebwe kuri Yo turi abislamu twicisha bugufi mu kuyisenga tutayibangikanya”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
تِلۡكَ أُمَّةٞ قَدۡ خَلَتۡۖ لَهَا مَا كَسَبَتۡ وَلَكُم مَّا كَسَبۡتُمۡۖ وَلَا تُسۡـَٔلُونَ عَمَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Uwo rero ni umugwi w’abakurambere banyu mu kwemera bamaze kurengana, bafise ivyiza barondeye, na mwe nyene mufise ivyiza canke ibibi mwarondeye, kandi ntimuzobazwa ku bikorwa bari barakoze, eka mbere na bo nyene ntibazobazwa ku bikorwa mwakoze[16].
[16] Iyi Aayah, irerekana ko imbere y’Imana Allah ata kwitwaza ubuvandimwe canke ubwoko, n’uko umwe wese mu biremwa azobazwa ivyo yakoze canke yagizemwo uruhara ku gatwe kiwe, n’uko kandi ukwemera kurimwo agakiza, ari ukwemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa zayo zose, hamwe rero no kuzikurikira. Uwuhakanye rero Intumwa imwe muri zo, afatwa nk’uwuhakanye Intumwa zose.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-বাক্বাৰাহ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ইয়াকূব ঘাইটি দ্বাৰা অনুবাদিত। আফ্ৰিকান ডেভেলপমেণ্ট ফাউণ্ডেচনৰ দ্বাৰা প্ৰকাশিত।

বন্ধ