Check out the new design

আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-বাক্বাৰাহ   আয়াত:
حَٰفِظُواْ عَلَى ٱلصَّلَوَٰتِ وَٱلصَّلَوٰةِ ٱلۡوُسۡطَىٰ وَقُومُواْ لِلَّهِ قَٰنِتِينَ
Bislamu! Nimutsimbatare mu kwamizako amasengesho-bwirizwa atanu akwije ibisabwa ku mwanya wayo, na canecane isengesho ryo hagati na hagati ryo ku muhingamo, muraheza kandi muhagarare mu masengesho mwicishije bugufi ku Mana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَإِنۡ خِفۡتُمۡ فَرِجَالًا أَوۡ رُكۡبَانٗاۖ فَإِذَآ أَمِنتُمۡ فَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ كَمَا عَلَّمَكُم مَّا لَمۡ تَكُونُواْ تَعۡلَمُونَ
Nimwatinya ko umwansi yobubira muri mw’isengesho akabatera, murasenga muriko muragenda canke muri ku bitwazi uko bibashobokeye kwose; nko gukoresha ibimenyetso canke kudatumbera ubutumbero bwo gusenga[46]. Nimwatekana, muraheza rero musenge isengesho ry’uwutekanye rikwije ibisabwa, maze muninahaze Imana Allah muyishimira ku ngingo n’amabwirizwa Yabigishije vyerekeye ukuyiyegereza, mutari gupfa mubimenye.
[46] Iri sengesho ryitwa “swalaatu l-Khawf” isengesho ry’uwutekewe n’ubwoba.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّذِينَ يُتَوَفَّوۡنَ مِنكُمۡ وَيَذَرُونَ أَزۡوَٰجٗا وَصِيَّةٗ لِّأَزۡوَٰجِهِم مَّتَٰعًا إِلَى ٱلۡحَوۡلِ غَيۡرَ إِخۡرَاجٖۚ فَإِنۡ خَرَجۡنَ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ فِي مَا فَعَلۡنَ فِيٓ أَنفُسِهِنَّ مِن مَّعۡرُوفٖۗ وَٱللَّهُ عَزِيزٌ حَكِيمٞ
Abazoba bari ku mpfiro muri mwebwe abagabo, bagapfa basize abakenyezi, barasiga baraze ko abakenyezi babo boguma baba mu nzu zabo umwaka wose atawubakomakoma, kuva umusi bapfiriyeko, mu ntumbero yo kubashumbusha. Nibazivamwo ku bushake bwabo imbere yuko uwo mwaka urangira, nta caha kuri mwebwe abasigwa mu vyo nya bapfakazi bakoze birekuwe. Burya Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora[47].
[47] Ingingo ziri muri iyi Aayah zasubiriwe n’iziri muri Aayah ya 234 muri iki gisomwa c’Inka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلِلۡمُطَلَّقَٰتِ مَتَٰعُۢ بِٱلۡمَعۡرُوفِۖ حَقًّا عَلَى ٱلۡمُتَّقِينَ
Abakenyezi bahukanye, baratekererwa ku neza icobabeshaho n’impuzu, hisunzwe ubushobozi bw’umuhisi. Iryo ni itegeko ryubahirizwa n’abagamburukiramana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمۡ ءَايَٰتِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ
Ni nk’uko nyene rero - izo ngingo zitomoye mu vyerekeye agateka k’abakenyezi n’abana - Imana Allah Itomora Aayah n’amabwirizwa yayo ku vyo mukeneye, kugira ngo muyategere muheze muyagendere.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ خَرَجُواْ مِن دِيَٰرِهِمۡ وَهُمۡ أُلُوفٌ حَذَرَ ٱلۡمَوۡتِ فَقَالَ لَهُمُ ٱللَّهُ مُوتُواْ ثُمَّ أَحۡيَٰهُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَذُو فَضۡلٍ عَلَى ٱلنَّاسِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَشۡكُرُونَ
Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’abataye izabo, bagahunga ari ibihumbi n’ibihumbagiza batinya kwicwa n’indwara y’akaranda canke indwano y’akaranda, hanyuma Imana Allah Ikababwira Iti: “Nimupfe”, bagaca bapfira rimwe bose, hanyuma Ibasubiza ubuzima kugira ngo bakwize imyaka Yabageneye kubaho, kugira bikebuke, bigaye! Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeningabirano nyinshi ku bantu, ariko rero abenshi mu bantu ntibashima.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَقَٰتِلُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ سَمِيعٌ عَلِيمٞ
Bislamu! Nimurwanire idini ry’Imana Allah, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ari Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo mukora n’ivyo muzirikana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَّن ذَا ٱلَّذِي يُقۡرِضُ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنٗا فَيُضَٰعِفَهُۥ لَهُۥٓ أَضۡعَافٗا كَثِيرَةٗۚ وَٱللَّهُ يَقۡبِضُ وَيَبۡصُۜطُ وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Ni nde yogurana Imana Allah ingurane nziza agatanga mu nzira yayo, maze Ikamugwiriza indishi yayo incuro nyinshi nta ngere! Burya Imana Allah Iragumya ingabirano zayo Ikagerera umukene, Ikanazirekura Igaha umutunzi umusesekara. Nimutange rero mu vyo Ibaha mutitangiriye itama, ni no kuri Yo muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-বাক্বাৰাহ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ইয়াকূব ঘাইটি দ্বাৰা অনুবাদিত। আফ্ৰিকান ডেভেলপমেণ্ট ফাউণ্ডেচনৰ দ্বাৰা প্ৰকাশিত।

বন্ধ