Check out the new design

আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-আনআম   আয়াত:
وَلَوۡ جَعَلۡنَٰهُ مَلَكٗا لَّجَعَلۡنَٰهُ رَجُلٗا وَلَلَبَسۡنَا عَلَيۡهِم مَّا يَلۡبِسُونَ
N’iyo Tuja kubarungikira Intumwa y’umumalayika kuko bagararije ukwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni ukuri Twari kurungika nya mumalayika mw’ishusho ry’umuntu kugira bashobore kumwumva no kumutahura, kandi naho nyene bari kugira amakenga ku kumwemera nk’uko bayagize ku kwemera Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَقَدِ ٱسۡتُهۡزِئَ بِرُسُلٖ مِّن قَبۡلِكَ فَحَاقَ بِٱلَّذِينَ سَخِرُواْ مِنۡهُم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, aho hambere yawe harabaye itebura ku Ntumwa z’Imana (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), gushika n’aho abatebura bashikirwa n’ibihano ku vyo bahora bateburako[2].
[2] Abagarariji b’i Makka basavye mu gutebura ko borungikirwa umumalayika kugira bashobore kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Imana Allah Ica Iramenyesha Intumwa ko atari bwo bwa mbere abagarariji batebura nk’ukwo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ سِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ ثُمَّ ٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimugendagende irya n’ino kw’isi, hanyuma mwirabire iherezo ry’abahakanyi uko ryagenze, muheze mwiyubare ko mwoshikirwa n’ivyabashikiye”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُل لِّمَن مَّا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ قُل لِّلَّهِۚ كَتَبَ عَلَىٰ نَفۡسِهِ ٱلرَّحۡمَةَۚ لَيَجۡمَعَنَّكُمۡ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ لَا رَيۡبَ فِيهِۚ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Mbega ibiri mu majuru no mw’isi, ni nde Mugabe wavyo?”. Babwire uti: “Vyose nk’uko mubizi mukanavyemanga, ni ivy’Imana Allah, ni Yo Mugabe wavyo. Nimuyiyegereze rero mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya”. Imana Allah Yaramaze kwiyemeza kugira impuhwe, ntiyihutira guhana ibiremwa. Ni ukuri rero, Izobegeraniriza hamwe ku musi w’izuka ata makenga ko utegerezwa gushika, kugira Ihembe umwe wese ku co yakoze. Ababangikanyamana rero, ni bo bazotahira agahombo kuko batemera Imana Allah, batanemera n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
۞ وَلَهُۥ مَا سَكَنَ فِي ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِۚ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Imana Allah, ni Yo Mugabe w’ibiri mu majuru no mw’isi, ibitururuye mw’ijoro n’ibigendagenda ku murango, ibihishije n’ibiboneka, vyose ni ibiremwa vyayo. Ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo bikora n’ivyo bihishije mu mutima.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ أَغَيۡرَ ٱللَّهِ أَتَّخِذُ وَلِيّٗا فَاطِرِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَهُوَ يُطۡعِمُ وَلَا يُطۡعَمُۗ قُلۡ إِنِّيٓ أُمِرۡتُ أَنۡ أَكُونَ أَوَّلَ مَنۡ أَسۡلَمَۖ وَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega yemwe! Bishoboka gute ko nogira ikitari Imana Allah umuhagarikizi n’umutabazi wanje, kandi ari Yo Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Ikaba ari na Yo Ibeshejeho ibiremwa vyayo, Itanakeneye ivyo biyikeneyeko mu kubaho kwavyo!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, nategetswe ko noba uwa mbere mu bo narungitsweko yicisha bugufi mu kwiyegereza Imana Allah mu vyo nkora vyose”. Ntumwa y’Imana! Ntukabe rero mu babangikanyamana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ إِنِّيٓ أَخَافُ إِنۡ عَصَيۡتُ رَبِّي عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, mu gihe nogabitanya ku Mana yanje Rurema Allah mu kuyibangikanya, ndatinya ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَّن يُصۡرَفۡ عَنۡهُ يَوۡمَئِذٖ فَقَدۡ رَحِمَهُۥۚ وَذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡمُبِينُ
Kuri uwo musi, uwo Imana Allah Izokingira ibihano, ni ukuri Izoba Yamaze kumugirira impuhwe, kandi rero iyo ni yo ntsinzi ihambaye”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِن يَمۡسَسۡكَ ٱللَّهُ بِضُرّٖ فَلَا كَاشِفَ لَهُۥٓ إِلَّا هُوَۖ وَإِن يَمۡسَسۡكَ بِخَيۡرٖ فَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Muntu! Igihe Imana Allah Yogutera amagorwa y’ubukene canke y’indwara, nta n’umwe yoyagukuramwo kiretse Yo; no mu gihe Yogutera iteka ry’ubutunzi canke ryo kuroranirwa n’amagara, nta n’umwe mu biremwa yokwambura nya teka. Burya rero Imana Allah ni Yo Mushoboravyose;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَهُوَ ٱلۡقَاهِرُ فَوۡقَ عِبَادِهِۦۚ وَهُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡخَبِيرُ
Ni na Yo Nyeninkomezi, Iganza ibiremwa vyose, ni na Yo Ntungane rero mu vyo Ikora, Muhetuziwavyose.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-আনআম
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ইয়াকূব ঘাইটি দ্বাৰা অনুবাদিত। আফ্ৰিকান ডেভেলপমেণ্ট ফাউণ্ডেচনৰ দ্বাৰা প্ৰকাশিত।

বন্ধ