Check out the new design

আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-আনআম   আয়াত:
وَهُوَ ٱلَّذِي يَتَوَفَّىٰكُم بِٱلَّيۡلِ وَيَعۡلَمُ مَا جَرَحۡتُم بِٱلنَّهَارِ ثُمَّ يَبۡعَثُكُمۡ فِيهِ لِيُقۡضَىٰٓ أَجَلٞ مُّسَمّٗىۖ ثُمَّ إِلَيۡهِ مَرۡجِعُكُمۡ ثُمَّ يُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Ni na Yo Ibaka ubuzima mu gihe musinziriye mw’ijoro mukaba nk’abapfuye; Iranazi n’ivyo mukora n’iminwe yanyu ku murango, vyaba ivyiza canke ibibi, hanyuma Igaheza Ikabasubiza ubuzima mwikanguye nk’abazutse, kugira Ibakwirize ikiringo canyu co kubaho kw’isi, hanyuma impera n’imperuka mukazosubira kuri Yo nimwazuka, kugira Ibabwire ivyo mwahora mukora, Inabibahembere.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَهُوَ ٱلۡقَاهِرُ فَوۡقَ عِبَادِهِۦۖ وَيُرۡسِلُ عَلَيۡكُمۡ حَفَظَةً حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَ أَحَدَكُمُ ٱلۡمَوۡتُ تَوَفَّتۡهُ رُسُلُنَا وَهُمۡ لَا يُفَرِّطُونَ
Ni na Yo Nyeninkomezi Iganza ibiremwa vyayo vyose. Iranabarungikira abamalayika babungabunga ibikorwa vyanyu mu kuvyandika, maze hagera aho umwe muri mwebwe ashikirwa n’urupfu, intumwa zacu mu bamalayika bajejwe urupfu[5] zigaca zimwaka ubuzima agapfa, kandi ntizihenda na gato ku wo zirungitsweko;
[5] Ni umumalayika ajejwe urupfu “Malaku l’mawti” n’abafasha biwe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ رُدُّوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ مَوۡلَىٰهُمُ ٱلۡحَقِّۚ أَلَا لَهُ ٱلۡحُكۡمُ وَهُوَ أَسۡرَعُ ٱلۡحَٰسِبِينَ
Ni na ho rero abapfuye basubizwa ku Mana Allah Umuhagarikizi wabo w’ukuri. Bantu! Nimwumve mwumvireho Imana Allah, ni Yo Nyenugutunganiriza ibiremwa Ikazobicira imanza ku musi w’izuka, ni na Yo Inyarutsa mu kubiharurira kurusha abaharura bose.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ مَن يُنَجِّيكُم مِّن ظُلُمَٰتِ ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِ تَدۡعُونَهُۥ تَضَرُّعٗا وَخُفۡيَةٗ لَّئِنۡ أَنجَىٰنَا مِنۡ هَٰذِهِۦ لَنَكُونَنَّ مِنَ ٱلشَّٰكِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana ubabaze uti: “Ni nde yobakiza intureka z’ubwoba bw’umwijima w’imusozi n’uwo mw’ibahari! Si Imana Allah mwoca musaba mutakamba mu mpisho no ku mugaragaro, maze mukavuga muti: “Ni ukuri, Imana yacu Rurema Allah Yodukiza Ikadukura muri izi ntureka, ni ukuri twoshoka tuba mu bantu bayishimira bakayisenga batayibangikanya””.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلِ ٱللَّهُ يُنَجِّيكُم مِّنۡهَا وَمِن كُلِّ كَرۡبٖ ثُمَّ أَنتُمۡ تُشۡرِكُونَ
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni Imana Allah Yonyene Yobakiza izo ntureka z’ubwoba n’ayandi magume ayo ari yo yose, hanyuma na mwe mugaca muyibangikanya”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُلۡ هُوَ ٱلۡقَادِرُ عَلَىٰٓ أَن يَبۡعَثَ عَلَيۡكُمۡ عَذَابٗا مِّن فَوۡقِكُمۡ أَوۡ مِن تَحۡتِ أَرۡجُلِكُمۡ أَوۡ يَلۡبِسَكُمۡ شِيَعٗا وَيُذِيقَ بَعۡضَكُم بَأۡسَ بَعۡضٍۗ ٱنظُرۡ كَيۡفَ نُصَرِّفُ ٱلۡأٓيَٰتِ لَعَلَّهُمۡ يَفۡقَهُونَ
Ntumwa y’Imana! Babwire ko ari Yo gusa Ishoboye kubarungikira ibihano biturutse hejuru yanyu[6], canke musi y’ibirenge vyanyu[7], canke Ikabatera kutumvikana mukicamwo imigwi mukamarana mu kwicana. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubereka ivyemezo vy’ubwoko bwose kugira batahure baheze bibuke!”.
[6] Nk’imvura y’amabuye canke y’imyuzurira, n’ibindi.
[7] Nka nyamugigima canke kumirwa n’isi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَكَذَّبَ بِهِۦ قَوۡمُكَ وَهُوَ ٱلۡحَقُّۚ قُل لَّسۡتُ عَلَيۡكُم بِوَكِيلٖ
Abagarariji mu bantu bawe warungitsweko, barahakanye bivuye inyuma Qor’ani kandi ari co Gitabu kirimwo ukuri. Babwire uti: “Sinjejwe namba kubabungabungira no kugenzura ibikorwa vyanyu, njejwe gusa kubashikiriza ubutumwa narungikanwe”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لِّكُلِّ نَبَإٖ مُّسۡتَقَرّٞۚ وَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ
Burya inkuru yose irafise aho igarukira, ukuri n’ikinyoma bigaheza bikamenyekana, impera n’imperuka rero muzomenya inkurikizi z’ivyo mugira igihe mwashikiwe n’ibihano vy’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذَا رَأَيۡتَ ٱلَّذِينَ يَخُوضُونَ فِيٓ ءَايَٰتِنَا فَأَعۡرِضۡ عَنۡهُمۡ حَتَّىٰ يَخُوضُواْ فِي حَدِيثٍ غَيۡرِهِۦۚ وَإِمَّا يُنسِيَنَّكَ ٱلشَّيۡطَٰنُ فَلَا تَقۡعُدۡ بَعۡدَ ٱلذِّكۡرَىٰ مَعَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Niwabona ababangikanyamana bateramye baganira mu gutyoza no guhakana Aayah za Qor’ani, uraheza ubirengagize ntiwicarane na bo gushika batandukiriye ibindi biganiro; nivyashika naho shetani ikakwibagiza guhaguruka, umaze kwibuka, ntuzoheze ngo wicarane n’abirenganya mu kuganira batyoza Aayah za Qor’ani.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-আনআম
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ইয়াকূব ঘাইটি দ্বাৰা অনুবাদিত। আফ্ৰিকান ডেভেলপমেণ্ট ফাউণ্ডেচনৰ দ্বাৰা প্ৰকাশিত।

বন্ধ