আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-ফজৰ   আয়াত:

SURATU L-FAJRI

وَٱلۡفَجۡرِ
Jewe Allah, Ndarahiye ku mutwenzi!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَيَالٍ عَشۡرٖ
No ku majoro cumi ya mbere yo mu kwezi kwa 12, Dhul-Hijja!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلشَّفۡعِ وَٱلۡوَتۡرِ
No kuri bibiribibiri na nyahagwe!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّيۡلِ إِذَا يَسۡرِ
No kw’ijoro iyo rihise! Ko abahakanyi bazohanwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
هَلۡ فِي ذَٰلِكَ قَسَمٞ لِّذِي حِجۡرٍ
Ubwo muri ivyo, ntiharimwo indahiro ikwiye ku wufise ubwenge!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
أَلَمۡ تَرَ كَيۡفَ فَعَلَ رَبُّكَ بِعَادٍ
Ntumwa y’Imana! Mbega, ntiwabonye ingene Imana yawe Rurema Allah Yagize Bene Aadi igihe c’Intumwa Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِرَمَ ذَاتِ ٱلۡعِمَادِ
Ubwoko bwa Iramu, beninguvu n’amazu maremare;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلَّتِي لَمۡ يُخۡلَقۡ مِثۡلُهَا فِي ٱلۡبِلَٰدِ
Nta baremwe nkabo mu bindi bisagara mu ngimba n’inguvu bari bafise.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَثَمُودَ ٱلَّذِينَ جَابُواْ ٱلصَّخۡرَ بِٱلۡوَادِ
Ntiwabonye n’ukuntu Yagize Bene Thamuudi, babaza amazu mu mabuye mu kabande igihe c’Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَفِرۡعَوۡنَ ذِي ٱلۡأَوۡتَادِ
Ntiwabonye kandi ukuntu Yagize Firawuni nyeningabo zatsimbataje ubwami bwiwe muri Misiri!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱلَّذِينَ طَغَوۡاْ فِي ٱلۡبِلَٰدِ
Abo bose, barimonogoje mu bugizi bwa nabi, mu bihugu vy’Imana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَكۡثَرُواْ فِيهَا ٱلۡفَسَادَ
Baraheza bakwiragizamwo ubwononyi bwinshi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَصَبَّ عَلَيۡهِمۡ رَبُّكَ سَوۡطَ عَذَابٍ
Maze Imana yawe Rurema Allah, Ica Irabamanurira ibihano bibakwiye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّ رَبَّكَ لَبِٱلۡمِرۡصَادِ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Umureretsi w’ivyo bakoze, Iratenyenya ntiyibagira.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَمَّا ٱلۡإِنسَٰنُ إِذَا مَا ٱبۡتَلَىٰهُ رَبُّهُۥ فَأَكۡرَمَهُۥ وَنَعَّمَهُۥ فَيَقُولُ رَبِّيٓ أَكۡرَمَنِ
Nayo umuntu, iyo Imana yiwe Rurema Allah Imugerageje, Ikamutera iteka ry’ubutegetsi canke ry’ubutunzi, araheza akibaza ko biturutse ku butore bwiwe, agaca avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, Yaranteye iteka nta ngere”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَمَّآ إِذَا مَا ٱبۡتَلَىٰهُ فَقَدَرَ عَلَيۡهِ رِزۡقَهُۥ فَيَقُولُ رَبِّيٓ أَهَٰنَنِ
Iyo naho Imugerageje, Ikamugerera mu vyo Imuronsa bimubeshaho, araheza akibaza ko biturutse ku gasuzuguro, agaca avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, Yaransuzuguye”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَلَّاۖ بَل لَّا تُكۡرِمُونَ ٱلۡيَتِيمَ
Nateshwe ate, arahumba! Ariko guhabwa iteka guturuka ku kwumvira Imana Allah; gusuzugurwa na kwo, kugaturuka ku kugabitaniriza Imana Allah. Ahubwo rero mwebwe, ntimwitaho impfuvyi ngo muzifashe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَا تَحَٰٓضُّونَ عَلَىٰ طَعَامِ ٱلۡمِسۡكِينِ
Ntimunahimirizanya gufungurira abakene;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَتَأۡكُلُونَ ٱلتُّرَاثَ أَكۡلٗا لَّمّٗا
Mukarya mukuzako n’amatungo y’abandi mu bisigi;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَتُحِبُّونَ ٱلۡمَالَ حُبّٗا جَمّٗا
Mugakunda n’amatungo urukundo rurenze.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَلَّآۖ إِذَا دُكَّتِ ٱلۡأَرۡضُ دَكّٗا دَكّٗا
Nimuteshwe mute, murahumba! Ntimwategerezwa kuba ukwo. Igihe rero isi yahondwahonzwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَجَآءَ رَبُّكَ وَٱلۡمَلَكُ صَفّٗا صَفّٗا
Imana yawe Rurema Allah na Yo, Ikaza gutunganiriza ibiremwa, abamalayika na bo batonze ku murongo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَجِاْيٓءَ يَوۡمَئِذِۭ بِجَهَنَّمَۚ يَوۡمَئِذٖ يَتَذَكَّرُ ٱلۡإِنسَٰنُ وَأَنَّىٰ لَهُ ٱلذِّكۡرَىٰ
Umuriro wa Jahannamu na wo kuri uwo musi, ugashirwa ahabona; uwo musi, umuntu w’umugarariji azokwikebuka yibuke kwigaya, ariko rero ukwo kwibuka akigaya, nta co kuzomumarira.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَقُولُ يَٰلَيۡتَنِي قَدَّمۡتُ لِحَيَاتِي
Azovuga yicuza ati: “Ubona iyo nkora nkiri kw’isi ivyomfasha muri ubu buzima bwanje bw’inyuma yo gupfa!”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَيَوۡمَئِذٖ لَّا يُعَذِّبُ عَذَابَهُۥٓ أَحَدٞ
Kuri uwo musi rero, nta wuzohana umuhakanyi bikwiye nk’igihano c’Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَا يُوثِقُ وَثَاقَهُۥٓ أَحَدٞ
Kandi nta wuzoboha nk’Imana Allah mu kudadira umuhakanyi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰٓأَيَّتُهَا ٱلنَّفۡسُ ٱلۡمُطۡمَئِنَّةُ
Iyo umwemeramana apfuye, abwirwa ati: “Ewe mutima utekanishijwe n’ininahaza n’itaziramana hamwe n’ukwemera Imana Allah!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ٱرۡجِعِيٓ إِلَىٰ رَبِّكِ رَاضِيَةٗ مَّرۡضِيَّةٗ
Subira ku Mana yawe Rurema Allah wishimiye impera yayo, wishimiwe n’Iyakuremye Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَٱدۡخُلِي فِي عِبَٰدِي
Uheze winjire rero mu mugwi w’abaja banje beranda;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱدۡخُلِي جَنَّتِي
Winjire no mu Bwami bwanje bw’ijuru”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-ফজৰ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ