Prijevod značenja časnog Kur'ana - الترجمة الكيروندية * - Sadržaj prijevodā

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Prijevod značenja Ajet: (85) Sura: Sura el-Bekara
ثُمَّ أَنتُمۡ هَٰٓؤُلَآءِ تَقۡتُلُونَ أَنفُسَكُمۡ وَتُخۡرِجُونَ فَرِيقٗا مِّنكُم مِّن دِيَٰرِهِمۡ تَظَٰهَرُونَ عَلَيۡهِم بِٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡعُدۡوَٰنِ وَإِن يَأۡتُوكُمۡ أُسَٰرَىٰ تُفَٰدُوهُمۡ وَهُوَ مُحَرَّمٌ عَلَيۡكُمۡ إِخۡرَاجُهُمۡۚ أَفَتُؤۡمِنُونَ بِبَعۡضِ ٱلۡكِتَٰبِ وَتَكۡفُرُونَ بِبَعۡضٖۚ فَمَا جَزَآءُ مَن يَفۡعَلُ ذَٰلِكَ مِنكُمۡ إِلَّا خِزۡيٞ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۖ وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ يُرَدُّونَ إِلَىٰٓ أَشَدِّ ٱلۡعَذَابِۗ وَمَا ٱللَّهُ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ
Hanyuma mwebwe nyene mu gihe c’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muca kubiri n’iryo sezerano, muricana hagati yanyu, mwomora bamwe muri mwebwe mu zabo, mufashanya n’ababangikanyamana mu gukora ivyaha no mu kurenganya, bituma bamwe muri mwebwe bicwa, barasohorwa no mu zabo. Iyo abagizwe imbohe muri mwebwe baje babagana, murababohoza mwisunze inyigisho za Tawurati, kandi bibujijwe kuri mwebwe kubakura mu zabo. Mbega none ga ntuze, mwemera bimwe muri Tawurati; nko kubohoza imbohe z’indwano, mukagarariza ibindi; nko kwica no kwomorana mu zanyu! Mbega indishi y’abakora ivyo muri mwebwe yoba iyihe, atari ugusuzugurika mu buzima bwo kw’isi! Ku musi w’izuka naho bazoshirwa mu bihano bikomeye. Burya Imana Allah ntiyirengagiza ivyo mukora, Izobibahembera.
Tefsiri na arapskom jeziku:
 
Prijevod značenja Ajet: (85) Sura: Sura el-Bekara
Indeks sura Broj stranice
 
Prijevod značenja časnog Kur'ana - الترجمة الكيروندية - Sadržaj prijevodā

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Zatvaranje