Check out the new design

Prijevod značenja časnog Kur'ana - Prijevod na kinyarwanda jezik - Jusuf Gahiti * - Sadržaj prijevodā

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Prijevod značenja Sura: El-Enfal   Ajet:
وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَلَا تَنَٰزَعُواْ فَتَفۡشَلُواْ وَتَذۡهَبَ رِيحُكُمۡۖ وَٱصۡبِرُوٓاْۚ إِنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلصَّٰبِرِينَ
Muheze mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo aho muzoba muri hose, kandi ntimugacanemwo kuko vyobacamwo imigwi, inguvu zanyu na zo zigasanzara, mugashoka munanirwa mugatsindwa. Kubera ivyo rero, ba mwihangana ku rugamba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no mu kubashikana ku ntsinzi.
Tefsiri na arapskom jeziku:
وَلَا تَكُونُواْ كَٱلَّذِينَ خَرَجُواْ مِن دِيَٰرِهِم بَطَرٗا وَرِئَآءَ ٱلنَّاسِ وَيَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ وَٱللَّهُ بِمَا يَعۡمَلُونَ مُحِيطٞ
Ntimukabe rero nk’ababangikanyamana bavuye mu gihugu cabo biyerekana n'amanyama n'akantu, kugira baburagize abantu kwinjira mu bwislamu. Burya Imana Allah, ubumenyi bwayo buhetura ivyo bakora vyose, nta na kimwe Itazi.
Tefsiri na arapskom jeziku:
وَإِذۡ زَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ أَعۡمَٰلَهُمۡ وَقَالَ لَا غَالِبَ لَكُمُ ٱلۡيَوۡمَ مِنَ ٱلنَّاسِ وَإِنِّي جَارٞ لَّكُمۡۖ فَلَمَّا تَرَآءَتِ ٱلۡفِئَتَانِ نَكَصَ عَلَىٰ عَقِبَيۡهِ وَقَالَ إِنِّي بَرِيٓءٞ مِّنكُمۡ إِنِّيٓ أَرَىٰ مَا لَا تَرَوۡنَ إِنِّيٓ أَخَافُ ٱللَّهَۚ وَٱللَّهُ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Bemeramana! Nimwibuke n’igihe shetani yaryohereza ababangikanyamana icabazanye ku rugamba, ikababwira iti: “Uno musi nta n’umwe abanesha, mu vy’ukuri ndi kumwe na mwe, ndabatabara”. Iyo migwi yompi rero hageze ko ihangana, shetani yagenjeje umugongo irisubirako iti: “Mu vy’ukuri, jewe nditandukanije na mwe; ni ukuri, ndabona ivyo mudashoboye kubona mu bamalayika baje gutera intege abemeramana; jewe mu vy’ukuri ndatinya Imana Allah”. Shetani rero yarabataye mu rudubi hanyuma irabihakana. Burya Imana Allah Irahana Igahasha uwugabitanya, mu gihe atisubiyeko ngo yigaye.
Tefsiri na arapskom jeziku:
إِذۡ يَقُولُ ٱلۡمُنَٰفِقُونَ وَٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٌ غَرَّ هَٰٓؤُلَآءِ دِينُهُمۡۗ وَمَن يَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱللَّهِ فَإِنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٞ
Nimwibuke n’igihe indyarya n’abasinzikajwe mu mitima n’indwara y’ubuhakanyi, babona igitigiri gito c’abemeramana n’igitigiri kinini c’abansi babo, bagaca bavuga bati: “Abislamu bahenzwe n’idini ryabo pe! rirahava ribahonya”. Ico batamenye rero, ni uko uwo wese yishimikije Imana Allah akayizera, Itigera Imuta mu rudubi. Burya Imana Allah mu vy’ukuri, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Tefsiri na arapskom jeziku:
وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذۡ يَتَوَفَّى ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ يَضۡرِبُونَ وُجُوهَهُمۡ وَأَدۡبَٰرَهُمۡ وَذُوقُواْ عَذَابَ ٱلۡحَرِيقِ
Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu abagarariji bahanwa, ico gihe wobonye igitangaza giteye ubwoba, igihe abamalayika bariko bakura inkomoko y’ubuzima "roho" mu mishaha y’abagarariji bagasezera isi, babakubita mu maso no mu mugongo; bakazonabashinyaguriza bari mu muriro bati: “Nimuhonje rero ibihano vyo guturirwa mu muriro”[2].
[2] Iyi Aayah, n’aho ivuga ku vyashikiye abagarariji ku rugamba rwa Badri, ifata umugarariji uwo ari we wese.
Tefsiri na arapskom jeziku:
ذَٰلِكَ بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيكُمۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ لَيۡسَ بِظَلَّٰمٖ لِّلۡعَبِيدِ
Bagarariji! Ivyo bihano rero vyabashikiye, vyatewe n’ivyo mwakoze ku gatwe kanyu kw’isi, n’uko Imana Allah Itigera Irenganya n’umwe mu biremwa, mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha; n’aho koba akantu kangana n’inzatsa Izokamuhembera.
Tefsiri na arapskom jeziku:
كَدَأۡبِ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ وَٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ فَأَخَذَهُمُ ٱللَّهُ بِذُنُوبِهِمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ قَوِيّٞ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Ivyashikiye ababangikanyamana rero kuri uwo musi wa Badri, ni vyo vyashikiye ibigaba mu ntumva z’aho hambere; nk’abantu ba Firawuni n’abo hambere yabo, baragararije Intumwa z’Imana Allah mu guhakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyayo, maze Imana Allah Ica Irabahanira ivyaha vyabo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeninguvu, Irahana Igahasha uwo wese atigaya ku vyaha vyiwe.
Tefsiri na arapskom jeziku:
 
Prijevod značenja Sura: El-Enfal
Indeks sura Broj stranice
 
Prijevod značenja časnog Kur'ana - Prijevod na kinyarwanda jezik - Jusuf Gahiti - Sadržaj prijevodā

Prijevod uradio Jusuf Gajiti. Izdato od strane Afričke ustanove za razvoj.

Zatvaranje