Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Translations’ Index

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Translation of the meanings Surah: Yūnus   Ayah:

SURATU YUUNUS

الٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡحَكِيمِ
Alif Laam Raa[1]. Izi ni Aayah z’Igitabu gitunganye neza, catunganijwe n’Imana Allah Iraheza Iragitomorera ibiremwa.
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَكَانَ لِلنَّاسِ عَجَبًا أَنۡ أَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ رَجُلٖ مِّنۡهُمۡ أَنۡ أَنذِرِ ٱلنَّاسَ وَبَشِّرِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَنَّ لَهُمۡ قَدَمَ صِدۡقٍ عِندَ رَبِّهِمۡۗ قَالَ ٱلۡكَٰفِرُونَ إِنَّ هَٰذَا لَسَٰحِرٞ مُّبِينٌ
Mbega biratangaje ku bantu, kuba Twebwe Allah Twaramanuriye Qor’ani umwe muri bo, Tukamubwiriza Duti: “Bagabishe ku bihano vy’Imana Allah, unashikirize abemeye Imana Allah n’Intumwa, inkuru nziza ibahumuriza ko Imana yabo Rurema Allah, Yabategekanirije indishi nziza ku vyiza bakoze”! Igihe Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yashikiriza ivyo yahishuriwe, abagarariji barinamuye bavuga bati: “Mu vy’ukuri, uyu Muhamadi, ni ukuri ni umurozi yeruye”.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ رَبَّكُمُ ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ يُدَبِّرُ ٱلۡأَمۡرَۖ مَا مِن شَفِيعٍ إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ إِذۡنِهِۦۚ ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمۡ فَٱعۡبُدُوهُۚ أَفَلَا تَذَكَّرُونَ
Bantu! Mu vy’ukuri, Imana yanyu Rurema ni Allah, Yaremye amajuru n’isi mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose; ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo, Itunganiriza ibiremwa ata na kimwe kivuyemwo. Nta musavyi azovugira uwundi ku musi w’izuka, kiretse inyuma yuko Imuhaye uburenganzira. Iyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, enda nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya. Ubwo ntimwokwibuka mukanyurwa na Aayah za Qor’ani!
Arabic explanations of the Qur’an:
إِلَيۡهِ مَرۡجِعُكُمۡ جَمِيعٗاۖ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقًّاۚ إِنَّهُۥ يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥ لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ بِٱلۡقِسۡطِۚ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَهُمۡ شَرَابٞ مِّنۡ حَمِيمٖ وَعَذَابٌ أَلِيمُۢ بِمَا كَانُواْ يَكۡفُرُونَ
Ni ku Mana yanyu Rurema Allah muzosubira mwese ku musi w’izuka. Iryo ni isango ry’ukuri ry’Imana Allah. Mu vy’ukuri, ni Yo Ishoboye kurema ibiremwa ata co Irinze gufatirako, Ishoboye no kubisubiza ubuzima n’indemo bikazuka inyuma yo gupfa, kugira Ihembe abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe indishi ikwiye. Nayo abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, barategekanirijwe ikinyobwa c’amazi asebuye akaryimara, abashishura mu maso, akanacagagura n’amara; barategekanirijwe n’ibihano bibabaza bitewe n'ubugarariji bwabo;
Arabic explanations of the Qur’an:
هُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ ٱلشَّمۡسَ ضِيَآءٗ وَٱلۡقَمَرَ نُورٗا وَقَدَّرَهُۥ مَنَازِلَ لِتَعۡلَمُواْ عَدَدَ ٱلسِّنِينَ وَٱلۡحِسَابَۚ مَا خَلَقَ ٱللَّهُ ذَٰلِكَ إِلَّا بِٱلۡحَقِّۚ يُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَعۡلَمُونَ
Ni Yo Yaremye izuba ryakaka, Irema n’ukwezi kubonesha, Iraheza Igenera ukwezi ibituro kugira mumenyere ku mboneko yakwo, igitigiri c’amezi n’imyaka; muheze mumenye n’imisi kw’iseruka ry’izuba. Ivyo vyose rero, Imana Allah ntiyabiremye kiretse mu ntumbero y’ukuri mu kugaragaza ubushobozi n'ububasha nta ngere n’ubumenyi vyayo. Burya Imana Allah Itomorera ivyemezo vy’ubushobozi bwayo abantu bazi ihangiro ryayo mu kurema.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ فِي ٱخۡتِلَٰفِ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ وَمَا خَلَقَ ٱللَّهُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَتَّقُونَ
Mu vy’ukuri, mw’ibisikanya n'ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango, no mu bitangaza Yaremye mu majuru no mw’isi, n’indinganizo iri hagati yavyo, mw’iremwa ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara ku bantu batinya bakiyubara ibihano vy'Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ لِقَآءَنَا وَرَضُواْ بِٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَٱطۡمَأَنُّواْ بِهَا وَٱلَّذِينَ هُمۡ عَنۡ ءَايَٰتِنَا غَٰفِلُونَ
Mu vy’ukuri, abatizeye ko bazozuka bagahura na Twebwe Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze[2], bakishimira ubuzima buciriritse bwo kw’isi, bakanabwigura, hamwe n’abagoswe mu kutemera Aayah n'ivyemezo vyacu [3];
[2] Abatemera ko hari iharurirwa ry’ibiremwa kugira bihemberwe ivyo vyakoze.
[3] Ivyemezo bibonekera mu vyo Twaremye no mu vyo Twamanuye muri Qor’ani.
Arabic explanations of the Qur’an:
أُوْلَٰٓئِكَ مَأۡوَىٰهُمُ ٱلنَّارُ بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ
Abo rero, ubushikiro bwabo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni mu muriro wa Jahannamu, ni yo ndishi y'ivyo bari bararondeye kw’isi.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ يَهۡدِيهِمۡ رَبُّهُم بِإِيمَٰنِهِمۡۖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهِمُ ٱلۡأَنۡهَٰرُ فِي جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ
Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, Imana yabo Rurema Allah, Iraheza Ikabarongora ku kwemera kwabo, mu nzira yo gukora ivyiza bitegetswe bazohemberwa Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi;
Arabic explanations of the Qur’an:
دَعۡوَىٰهُمۡ فِيهَا سُبۡحَٰنَكَ ٱللَّهُمَّ وَتَحِيَّتُهُمۡ فِيهَا سَلَٰمٞۚ وَءَاخِرُ دَعۡوَىٰهُمۡ أَنِ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ibisabisho vy'abari mu Bwami bw’ijuru, ni itagatifuza ry’Imana Allah bavuga bati: “Ukuninahazwa ni ukwawe Mana Nzima”. Indamusto yabo na yo, ni “Gira amahoro! [4]”. isozerwa ry’ibisabisho vyabo na ryo, rizorangwa no gushimira hamwe no gushimagiza Imana Allah bati: “Al-Hamdu lillaahi Rabbi l’aalamiin”, (Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose).
[4] “Assalaamu alaykum”, ni yo ndamutso abari mu Bwami bw’ijuru bazoramukanya, ikaba ari na yo bazoramutswa n'Imana Allah hamwe n'abamalayika bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَلَوۡ يُعَجِّلُ ٱللَّهُ لِلنَّاسِ ٱلشَّرَّ ٱسۡتِعۡجَالَهُم بِٱلۡخَيۡرِ لَقُضِيَ إِلَيۡهِمۡ أَجَلُهُمۡۖ فَنَذَرُ ٱلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ لِقَآءَنَا فِي طُغۡيَٰنِهِمۡ يَعۡمَهُونَ
Imana Allah, iyo Yihutira kwishura ikibi gisabwa n’abantu nka kurya Yihutira kwishura iciza basavye, ni ukuri bari guhona, hanyuma Twebwe Allah Tugaheza Tukarekera abatizeye guhura na Twe, mu bugarariji bwabo bajuragirika mu kubura ico bafata n'ico bareka hagati yo kwemera no guhakana.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا مَسَّ ٱلۡإِنسَٰنَ ٱلضُّرُّ دَعَانَا لِجَنۢبِهِۦٓ أَوۡ قَاعِدًا أَوۡ قَآئِمٗا فَلَمَّا كَشَفۡنَا عَنۡهُ ضُرَّهُۥ مَرَّ كَأَن لَّمۡ يَدۡعُنَآ إِلَىٰ ضُرّٖ مَّسَّهُۥۚ كَذَٰلِكَ زُيِّنَ لِلۡمُسۡرِفِينَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Iyo umuntu akozweko n’ivyago, aca adusaba Twebwe Allah adutakambira ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; yaba mu gihe akitse urubavu, mu gihe yicaye canke ahagaze; Turamutse rero Tumukuyeko nya vyago vyamushikiye, aca abandanya mu ngeso mbi nk’uko yari ari nya vyago bitaramushikira; womenga ntiyigeze atwitabaza ngo ashoke adushimira! Ni nk’uko nyene rero - uwushikiwe n’ivyago aryoherezwa kubandanya kugarariza inyuma yo kubimukurako - shetani iryohereza abimonogoje mu bugarariji, kubandanya bagarariza.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَقَدۡ أَهۡلَكۡنَا ٱلۡقُرُونَ مِن قَبۡلِكُمۡ لَمَّا ظَلَمُواْ وَجَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ وَمَا كَانُواْ لِيُؤۡمِنُواْۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡمُجۡرِمِينَ
Babangikanyamana! Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahoneje imigwi y’abantu b’abagarariji b’aho hambere yanyu igihe bagarariza, bakaba bari bararungikiwe n’Intumwa z’Imana Allah zibashikiriza ivyemezo bigaragaza ukuri kwazo, ntibaheza ngo bazemere. Ni nk’uko nyene rero - Twabahoneje - Duhemba abantu b’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu.
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ جَعَلۡنَٰكُمۡ خَلَٰٓئِفَ فِي ٱلۡأَرۡضِ مِنۢ بَعۡدِهِمۡ لِنَنظُرَ كَيۡفَ تَعۡمَلُونَ
Bantu! Mu nyuma y’ihonywa ryabo rero, Twabagize abasubirizi kw’isi kugira Turabe ivyo mukora; vyaba ivyiza canke ibibi, gutyo Tuzoheze Duhembere umwe wese muri mwebwe ivyo yakoze.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَاتُنَا بَيِّنَٰتٖ قَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ لِقَآءَنَا ٱئۡتِ بِقُرۡءَانٍ غَيۡرِ هَٰذَآ أَوۡ بَدِّلۡهُۚ قُلۡ مَا يَكُونُ لِيٓ أَنۡ أُبَدِّلَهُۥ مِن تِلۡقَآيِٕ نَفۡسِيٓۖ إِنۡ أَتَّبِعُ إِلَّا مَا يُوحَىٰٓ إِلَيَّۖ إِنِّيٓ أَخَافُ إِنۡ عَصَيۡتُ رَبِّي عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ
Ababangikanyamana iyo basomewe Aayah zacu Twebwe Allah zitomoye, abatizeye ko bazozuka bagahura na Twe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze, baca binamura bakavuga bati: “Enda nyabuna, zana iyindi Qor’ani atari iyi canke uhindure ingingo zirimwo[5]”. Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Sindekuriwe kugira na kimwe mpinduye muri Qor’ani, nshira mu ngiro nkubahiriza ivyo mpishuriwe n’Imana Allah; jewe mu vy’ukuri, ndatinya mu gihe noca kubiri n’amabwirizwa y’Imana yanje Rurema Allah, ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka”.
[5] Uheze uzirure ibiziririjwe, uziririze n’ibiziruye, ahavugwa igabisha ku bihano havugwe ihumuriza ku kigongwe c’Imana Rurema Allah, wongere ureke kunebagura ibigirwamana vyacu.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُل لَّوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَا تَلَوۡتُهُۥ عَلَيۡكُمۡ وَلَآ أَدۡرَىٰكُم بِهِۦۖ فَقَدۡ لَبِثۡتُ فِيكُمۡ عُمُرٗا مِّن قَبۡلِهِۦٓۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Ntumwa y'Imana! Ishura abo babangikanyamana uti: Imana Allah iyo Ishaka, sinari kubasomera Qor’ani, eka ntiyari no kuyibamenyesha namba, ni ukuri murazi neza ko nabanye na mwe igihe kirekire, sinari bwigere ndabasomera Qor’ani imbere yuko ndayihishurirwa. Mbega none ntimugira ubwenge ngo mutahure koko, ko Qor’ani ari ukuri kuzima!
Arabic explanations of the Qur’an:
فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ
Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah canke uwuhakana yivuye inyuma Aayah zayo. Mu vy’ukuri, abanyavyaha bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo, ntibazokwigera baroranirwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَيَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَضُرُّهُمۡ وَلَا يَنفَعُهُمۡ وَيَقُولُونَ هَٰٓؤُلَآءِ شُفَعَٰٓؤُنَا عِندَ ٱللَّهِۚ قُلۡ أَتُنَبِّـُٔونَ ٱللَّهَ بِمَا لَا يَعۡلَمُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَلَا فِي ٱلۡأَرۡضِۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ibigirwamana ata na kimwe bibamariye mu gihe babisenze, eka ata n’ico bibiciye mu gihe boreka kubisenga[6], bakanavuga bigovyora ngo ibi bigirwamana, tubisenga kugira gusa bituvugire ku Mana Allah! Ntumwa y'Imana! Babwire uti: “Mbega none mubwira Imana Allah ko bibavugira kuri Yo, kandi Yoyo Itazi ko iryo vugira ribaho mu majuru no mw’isi! [7]”. Imana Allah Nininahazwe, Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya.
[6] Haba kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
[7] Iyo biba vyo, ko ibigirwamana bishobora kubavugira ku Mana Allah, Imana Allah Yari kuba Ibizi kubasumba.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا كَانَ ٱلنَّاسُ إِلَّآ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ فَٱخۡتَلَفُواْۚ وَلَوۡلَا كَلِمَةٞ سَبَقَتۡ مِن رَّبِّكَ لَقُضِيَ بَيۡنَهُمۡ فِيمَا فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ
Abantu bose burya bari mw’idini rimwe ry’ubwislamu hanyuma bicamwo imigwi, gutyo muri bo habamwo abagarariji, habamwo n’abagumye mu bwislamu. Iyo rero hataba ijambo ry’impuhwe zo kutihutira guhana ibigaba rivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ni ukuri abagarariji bari guhanwa bagahona, maze hagasigara gusa abagororotsi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَيَقُولُونَ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ ءَايَةٞ مِّن رَّبِّهِۦۖ فَقُلۡ إِنَّمَا ٱلۡغَيۡبُ لِلَّهِ فَٱنتَظِرُوٓاْ إِنِّي مَعَكُم مِّنَ ٱلۡمُنتَظِرِينَ
Abagarariji bavuga ku guhakana n'akantu bati: “Muhamadi ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Ubumenyi bw’ibinyegejwe, ni ubw’Imana Allah, ni Yo Izi igihe bikenerwa ko Imanura ikimenyetso gifadika. Kubera ivyo rero, nimurindire ingingo y’Imana Allah ku bigaba canke ku bagororotsi, nanje mu vy’ukuri ndarindiriye hamwe na mwe”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَآ أَذَقۡنَا ٱلنَّاسَ رَحۡمَةٗ مِّنۢ بَعۡدِ ضَرَّآءَ مَسَّتۡهُمۡ إِذَا لَهُم مَّكۡرٞ فِيٓ ءَايَاتِنَاۚ قُلِ ٱللَّهُ أَسۡرَعُ مَكۡرًاۚ إِنَّ رُسُلَنَا يَكۡتُبُونَ مَا تَمۡكُرُونَ
Iyo Twebwe Allah Duhonjeje abagarariji ku mpuhwe zacu bakoroherwa inyuma y’ivyago vyabashikiye, baca bagarariza bagatebura kuri Aayah zacu. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Burya Imana Allah, Irihuta guhinyura no gukwegera ibigaba mu bihano bukebuke”. Mu vy’ukuri, Intumwa zacu z’abamalayika zirandika ata kwihenda igarariza n’itebura vyabo kuri Aayah zacu, Tuzoheza rero Tubibahanire.
Arabic explanations of the Qur’an:
هُوَ ٱلَّذِي يُسَيِّرُكُمۡ فِي ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِۖ حَتَّىٰٓ إِذَا كُنتُمۡ فِي ٱلۡفُلۡكِ وَجَرَيۡنَ بِهِم بِرِيحٖ طَيِّبَةٖ وَفَرِحُواْ بِهَا جَآءَتۡهَا رِيحٌ عَاصِفٞ وَجَآءَهُمُ ٱلۡمَوۡجُ مِن كُلِّ مَكَانٖ وَظَنُّوٓاْ أَنَّهُمۡ أُحِيطَ بِهِمۡ دَعَوُاْ ٱللَّهَ مُخۡلِصِينَ لَهُ ٱلدِّينَ لَئِنۡ أَنجَيۡتَنَا مِنۡ هَٰذِهِۦ لَنَكُونَنَّ مِنَ ٱلشَّٰكِرِينَ
Imana Allah, ni Yo Ibashoboza kwiyunguruza muciye hasi ku bitwazi no mu gihe musoza mu bwato muciye mw'ibahari. Iyo rero muri mu bwato, bugasunikwa n’akayaga keza, abari muri nya bwato akamwemwe kabasya; mu nyuma y’aho hakaza umuyaga w’igihuhusi, ba bantu bari mu bwato bakugarizwa n’imikuba ivuye hirya n’ino, bakabona neza na neza ko urwabo rwashitse bagire batwarwe, muri ico gihe baca bambaza Imana Imwe Rudende Allah, bakibagira n'ivyo bahora bayibangikanya, bagaheza bakavuga bitabariza bati: “Mana Allah! Mu gihe Wodukura muri kano kaga turimwo, ni ukuri twoba mu bantu bagushimira koko!”;
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّآ أَنجَىٰهُمۡ إِذَا هُمۡ يَبۡغُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّۗ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِنَّمَا بَغۡيُكُمۡ عَلَىٰٓ أَنفُسِكُمۖ مَّتَٰعَ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۖ ثُمَّ إِلَيۡنَا مَرۡجِعُكُمۡ فَنُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Imana Allah Yabumvira, Ikabakura muri nya kaga bakarusimba, bagashoka bagenzwa n’ubwononyi kw’isi mu gukora ivyaha. Emwe bantu! Ni ukuri, ingaruka mbi z’ubugaba bwanyu zibagarukako mwebwe nyene. Nimuryoherwe rero gato n’ubuzima bwo kw’isi, hanyuma impera n'imperuka muzosubizwa kuri Twebwe Allah, Duheze Tubamenyeshe ido n’ido ivyo mwari mwarakoze kw’isi.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّمَا مَثَلُ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا كَمَآءٍ أَنزَلۡنَٰهُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ فَٱخۡتَلَطَ بِهِۦ نَبَاتُ ٱلۡأَرۡضِ مِمَّا يَأۡكُلُ ٱلنَّاسُ وَٱلۡأَنۡعَٰمُ حَتَّىٰٓ إِذَآ أَخَذَتِ ٱلۡأَرۡضُ زُخۡرُفَهَا وَٱزَّيَّنَتۡ وَظَنَّ أَهۡلُهَآ أَنَّهُمۡ قَٰدِرُونَ عَلَيۡهَآ أَتَىٰهَآ أَمۡرُنَا لَيۡلًا أَوۡ نَهَارٗا فَجَعَلۡنَٰهَا حَصِيدٗا كَأَن لَّمۡ تَغۡنَ بِٱلۡأَمۡسِۚ كَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Ni ukuri, akarorero k’ubuzima bwo kw’isi hamwe n’ibihendamaso vyabwo, ni nk’amazi y’imvura Tumanura avuye mu bicu azananye mu kirere, yamara kugwa kw’isi ibiterwa n'ubwatsi, ari na vyo bitunze abantu n’ibitungwa, bikanaga. Imirima yamara gutotahara, bene yo na bo bakibwira ko bazosoroma bakivuna inzara, hagaca haza mw’ijoro canke ku murango ingingo yacu yo guhonya nya biterwa n’ubwatsi, isi na yo ikagaduka ikaba ubukumbagare; nk’aho umenga nta ndimo yigeze iharangwa. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Dushoboye guhonya ibihendamaso vy’isi - Dutomorera ivyemezo vyacu bigaragara, kugira abantu biyumvire baheza bahitamwo icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱللَّهُ يَدۡعُوٓاْ إِلَىٰ دَارِ ٱلسَّلَٰمِ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ
Imana Allah rero, Irarikira abantu kuja mu Bwami bw’ijuru, Ikanarongora uwo Ishatse mu biremwa mu kumushoboza gutumbera inzira igororotse y’ubwislamu.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ لِّلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ ٱلۡحُسۡنَىٰ وَزِيَادَةٞۖ وَلَا يَرۡهَقُ وُجُوهَهُمۡ قَتَرٞ وَلَا ذِلَّةٌۚ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Abemeramana bumvira Imana Allah bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bakanayisenga mu bugwaneza nk’aho bayibona, baragenewe Ubwami bw’ijuru, vyongeye bazobona Imana Allah ukuri kwamye, ntibazorengwa n’intumo, eka ntibazonasuzugurika ngo bijirirwe ku musi w’izuka. Abo ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱلَّذِينَ كَسَبُواْ ٱلسَّيِّـَٔاتِ جَزَآءُ سَيِّئَةِۭ بِمِثۡلِهَا وَتَرۡهَقُهُمۡ ذِلَّةٞۖ مَّا لَهُم مِّنَ ٱللَّهِ مِنۡ عَاصِمٖۖ كَأَنَّمَآ أُغۡشِيَتۡ وُجُوهُهُمۡ قِطَعٗا مِّنَ ٱلَّيۡلِ مُظۡلِمًاۚ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Nayo abakoze ibicumuro kw’isi bakanagarariza Imana Allah, bazohemberwa ibikorwa vyabo bibi, maze babihanirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa ku rugero rungana n’ibibi bakoze, basuzugurike; ntibazoronka uwubakingira ibihano vy’Imana Allah, bazokwijirirwa mu maso; ubabonye wogira ngo bambitswe umuzimiza w’ijoro ry’umwijima tsiritsiri. Abo, ni bo bantu rero bo mu muriro, bazowubamwo ibihe bidahera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَيَوۡمَ نَحۡشُرُهُمۡ جَمِيعٗا ثُمَّ نَقُولُ لِلَّذِينَ أَشۡرَكُواْ مَكَانَكُمۡ أَنتُمۡ وَشُرَكَآؤُكُمۡۚ فَزَيَّلۡنَا بَيۡنَهُمۡۖ وَقَالَ شُرَكَآؤُهُم مَّا كُنتُمۡ إِيَّانَا تَعۡبُدُونَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka umusi Twebwe Allah Twegeranirije hamwe ibiremwa vyose kugira biharurirwe, vyongere bihembwe, hanyuma Tukabwira ababangikanyamana Duti: “Ubu rero murahagaritswe, mwebwe hamwe n’ibigirwamana vyanyu mwahora musenga”. Tuzoheza rero Dutandukanye ababangikanyamana n’ivyo basenga, maze ivyo basenga bibihakane, biteko bibabwire biti: “Eka si twebwe namba mwahora musenga kw’isi;
Arabic explanations of the Qur’an:
فَكَفَىٰ بِٱللَّهِ شَهِيدَۢا بَيۡنَنَا وَبَيۡنَكُمۡ إِن كُنَّا عَنۡ عِبَادَتِكُمۡ لَغَٰفِلِينَ
Burya Imana Allah, Irakwiye kutubera Icabona twebwe hamwe na mwe, Ikaturenganura mu kwerekana ko twebwe tutari tuzi namba ivyo mukora n’uko ari twe mwasenga”.
Arabic explanations of the Qur’an:
هُنَالِكَ تَبۡلُواْ كُلُّ نَفۡسٖ مَّآ أَسۡلَفَتۡۚ وَرُدُّوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ مَوۡلَىٰهُمُ ٱلۡحَقِّۖ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ
Aho rero ubutigu buzoba bugeze, aho umuntu uwo ari we wese yisuzuma akanamenya neza na neza ivyo yakoze, agaheza akabihemberwa. Aho rero ibiremwa vyose bizoba bisubiye ku Mana Allah Umuhagarikizi n'Umubungabunzi wavyo. Nayo ibigirwamana bizozimangana kuko ata co bizomarira ababangikanyamana.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ مَن يَرۡزُقُكُم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ أَمَّن يَمۡلِكُ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡأَبۡصَٰرَ وَمَن يُخۡرِجُ ٱلۡحَيَّ مِنَ ٱلۡمَيِّتِ وَيُخۡرِجُ ٱلۡمَيِّتَ مِنَ ٱلۡحَيِّ وَمَن يُدَبِّرُ ٱلۡأَمۡرَۚ فَسَيَقُولُونَ ٱللَّهُۚ فَقُلۡ أَفَلَا تَتَّقُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Ni nde abaronsa ibibabeshaho bivuye mw’ijuru biciye mu kugwa kw’imvura, n’ibivuye mw’isi iyo itotahaye hakanaga ibiterwa bibabeshaho, hamwe n’ubwatsi bubeshaho ibitungwa vyanyu! Ni nde agaba akanashoboza ugutwi kwumva, agashoboza n’amaso kubona! Ni nde agaba urupfu agatanga n’ubuzima ku biremwa vyose, agaheza akarema kizima mu capfuye, akanakura icapfuye muri kizima! Ni nde atunganya ivyerekeye ijuru n’isi n’ubuzima bw’ibiri hagati yavyo!”. Bazoheza bishure bemanga ko Uwutunganya ivyo vyose, ari Imana Allah. Uraca ubabaza rero uti: “Ubwo none ntimwotinya ibihano vy'Imana Allah mugaheza mukayigamburukira!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمُ ٱلۡحَقُّۖ فَمَاذَا بَعۡدَ ٱلۡحَقِّ إِلَّا ٱلضَّلَٰلُۖ فَأَنَّىٰ تُصۡرَفُونَ
Iyo Mana Allah rero, ni Yo Mana yanyu Rurema y’ukuri, Ibwirizwa gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa. Burya, nta kiza inyuma y’ukuri atari ubuhuvyi! Ni gute mureka gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mugahitamwo kuyibangikanya!
Arabic explanations of the Qur’an:
كَذَٰلِكَ حَقَّتۡ كَلِمَتُ رَبِّكَ عَلَى ٱلَّذِينَ فَسَقُوٓاْ أَنَّهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Ni nk’uko nyene rero - abagarariji barendegera mw'ibangikanyamana bagahuba akagirire - ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah ryagirije ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo, ko bitazogenda vyemeye Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ هَلۡ مِن شُرَكَآئِكُم مَّن يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥۚ قُلِ ٱللَّهُ يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥۖ فَأَنَّىٰ تُؤۡفَكُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Mbega mu bigirwamana vyanyu, hoba harimwo igishoboye gutanguza irema ry’ibiremwa, hanyuma kikabihonya, kigaheza kikabizura kikabiha indemo nk’iya mbere!”. Babwire uti: “Imana Allah, ni Yo gusa Ishoboye gutanguza irema ry’ibiremwa, hanyuma Ikabihonya, Igaheza Ikabizura Ikabiha n'indemo nk’iya mbere”. None ni gute mubangikanya Imana Allah ha kuyisenga ari Imwe Rudende!
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ هَلۡ مِن شُرَكَآئِكُم مَّن يَهۡدِيٓ إِلَى ٱلۡحَقِّۚ قُلِ ٱللَّهُ يَهۡدِي لِلۡحَقِّۗ أَفَمَن يَهۡدِيٓ إِلَى ٱلۡحَقِّ أَحَقُّ أَن يُتَّبَعَ أَمَّن لَّا يَهِدِّيٓ إِلَّآ أَن يُهۡدَىٰۖ فَمَا لَكُمۡ كَيۡفَ تَحۡكُمُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Mbega mu bigirwamana vyanyu, hoba harimwo igishoboye kurongora ikiremwa mu nzira y’ukuri!”. Ihibambewe! Nta na kimwe bishoboye. Babwire uti: “Imana Allah, ni Yo gusa Ishoboye kurongora uwahuvye inzira, Ikamugarura mu nzira y’ukuri”. None burya uwushoboye kurongora mu nzira y’ukuri, si we yategerezwa gukurikirwa, ha gukurikira uwudashoboye kurongora uwahuvye, vyongeye na we nyene kandi akeneye uwumuhubura! Mbega mwafashwe n’iki, gushika n’aho mufata ingingo yo kunganisha Imana Allah n’ibiremwa vyayo!
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا يَتَّبِعُ أَكۡثَرُهُمۡ إِلَّا ظَنًّاۚ إِنَّ ٱلظَّنَّ لَا يُغۡنِي مِنَ ٱلۡحَقِّ شَيۡـًٔاۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمُۢ بِمَا يَفۡعَلُونَ
Abenshi mu babangikanyamana, ntibakurikira mw’ibangikanyamana ryabo, kiretse ko hamwe n’ivyo bafise amakenga ko ibigirwamana bibegereza koko ku Mana Allah. Mu vy’ukuri, ugukekeranya ntigushikana ku kuri namba. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bagira vyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا كَانَ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانُ أَن يُفۡتَرَىٰ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَلَٰكِن تَصۡدِيقَ ٱلَّذِي بَيۡنَ يَدَيۡهِ وَتَفۡصِيلَ ٱلۡكِتَٰبِ لَا رَيۡبَ فِيهِ مِن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nta n’umwe yoshobora kwiyitirira Qor’ani akavuga ko itavuye ku Mana Allah, ariko Imana Allah Yayimanuye kugira ishimangire ibiri mu Bitabu vy’aho hambere yayo, ko idini ry’Imana Allah ari rimwe, no kugira itomore neza amabwirizwa yahawe abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muri Qor'ani, ata makenga ko yahishuwe n’Imana Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَمۡ يَقُولُونَ ٱفۡتَرَىٰهُۖ قُلۡ فَأۡتُواْ بِسُورَةٖ مِّثۡلِهِۦ وَٱدۡعُواْ مَنِ ٱسۡتَطَعۡتُم مِّن دُونِ ٱللَّهِ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero bavuga ko Qor’ani yazanwe na Muhamadi ku gatwe kiwe! Babwire uti: “Enda rero nimuzane igisomwa na kimwe gisa nka Qor’ani, munararikire n'abo mushoboye havuyemwo Imana Allah, mu bantu no mu majini kugira babafashe nimwaba koko muri imvugakuri ko Qor’ani yazanwe na Muhamadi ku gatwe kiwe”.
Arabic explanations of the Qur’an:
بَلۡ كَذَّبُواْ بِمَا لَمۡ يُحِيطُواْ بِعِلۡمِهِۦ وَلَمَّا يَأۡتِهِمۡ تَأۡوِيلُهُۥۚ كَذَٰلِكَ كَذَّبَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلظَّٰلِمِينَ
Ahubwo rero bihutiye guhakana bivuye inyuma Qor’ani bakiyumva, bataranatahura ido n’ido ibirimwo[8], bataranashikirwa n’ukuri kw’ivyo yabasezeraniye. Ni nk’ukwo nyene rero[9] ab’aho hambere yabo bagararije. Ntumwa y’Imana! Itegereze rero ukuntu iherezo ry’abirenganije ryagenze[10]!
[8] Nk’izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa, guhemberwa ivyo vyakoze Ubwami bw’ijuru canke umuriro, n’ibindi.
[9] Ababangikanyamana bagararije ivyo bagabishijweko.
[10] Muri bo, harimwo abahonejwe na nyamugigima, harimwo n’abahonejwe n’isoma nturi, n’ibindi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنۡهُم مَّن يُؤۡمِنُ بِهِۦ وَمِنۡهُم مَّن لَّا يُؤۡمِنُ بِهِۦۚ وَرَبُّكَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُفۡسِدِينَ
Ntumwa y’Imana! Mu bantu bawe warungitsweko, harimwo abemera Qor’ani, harimwo n’abatayemera namba. Burya Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza abagenzwa n’ubwononyi bwo kutemera Qor’ani, kandi Izobibahanira.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِن كَذَّبُوكَ فَقُل لِّي عَمَلِي وَلَكُمۡ عَمَلُكُمۡۖ أَنتُم بَرِيٓـُٔونَ مِمَّآ أَعۡمَلُ وَأَنَا۠ بَرِيٓءٞ مِّمَّا تَعۡمَلُونَ
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana nibaramuka baguhakanye bivuye inyuma, uraheza ubabwire uti: “Ndafise idini ryanje nisunga mu vyo nkora, na mwe nyene murafise idini ryanyu mwisunga mu vyo mukora; mwebwe ntimuzohanirwa ivyo nkora kandi nanje sinzohanirwa ivyo mukora”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنۡهُم مَّن يَسۡتَمِعُونَ إِلَيۡكَۚ أَفَأَنتَ تُسۡمِعُ ٱلصُّمَّ وَلَوۡ كَانُواْ لَا يَعۡقِلُونَ
No mu bagarariji nyene, harimwo abakwumviriza iyo uriko urasoma Qor’ani ariko ntibemere ngo barongoke. Ntumwa y’Imana! Mbega woshobora gutuma ibipfamatwi vyumva bikanyurwa n’aho vyoba bidatahura[11]!
[11] Aha, Imana Allah Igereranya abumviriza Qor’ani ntibaheze ngo bemere, nka ba nyamuragi batumva ivyo uvuga n’aho wosemerera, kuko badatahura. Nka kurya rero, ata wushobora gutuma nyamuragi yumva ibivugwa, ni ko ata wushobora gutuma umugarariji yumvirije Qor’ani ayihakana, yemera mu gihe Imana Allah Itabishatse.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنۡهُم مَّن يَنظُرُ إِلَيۡكَۚ أَفَأَنتَ تَهۡدِي ٱلۡعُمۡيَ وَلَوۡ كَانُواْ لَا يُبۡصِرُونَ
Mu bagarariji harimwo n’abakuraba n’ivyemezo ushikiriza, ntibaheze ngo bemere kurongoka. Ntumwa y’Imana! Mbega woshobora gutuma ibipfamaso bibona bigatumbera inzira n’aho vyoba bitabona ukuri ngo binyurwe[12]!
[12] Muri iyi Aayah, Imana Allah Igereranya ababona ivyemezo vyotuma bemera, ntibaheze ngo bemere, nka kurya kw’impumyi zitabona ngo zitumbere inzira. Nka kurya rero, ata wushobora gutuma impumyi ibona ngo itumbere inzira, ni ko umugarariji abona ivyemezo vyotuma yemera akabihakana, ata wushobora gutuma yemera mu gihe Imana Allah Itabishatse.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَظۡلِمُ ٱلنَّاسَ شَيۡـٔٗا وَلَٰكِنَّ ٱلنَّاسَ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Mu vy’ukuri Imana Allah, nta na kimwe Irenganyako abantu mu kurengerezwa urugero rw’ibihano canke kugabanywa indishi, ariko abantu ni bo nyene birenganya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَيَوۡمَ يَحۡشُرُهُمۡ كَأَن لَّمۡ يَلۡبَثُوٓاْ إِلَّا سَاعَةٗ مِّنَ ٱلنَّهَارِ يَتَعَارَفُونَ بَيۡنَهُمۡۚ قَدۡ خَسِرَ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِلِقَآءِ ٱللَّهِ وَمَا كَانُواْ مُهۡتَدِينَ
N’igihe Imana Allah Yegeranirije hamwe ababangikanyamana bose ku musi w’izuka, bakaba nk’aho batigeze baba kw’isi kiretse isaha imwe gusa y’umurango, bazoheza bamenyane nk’uko bari bakiri kw’isi, hanyuma nya kumenyana guhere mu kanya isase. Ni ukuri, harahomvye abagararije bagahakana bivuye inyuma, ko bazozuka bagahura n’Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze. Kira noneho, ntibari no gushobozwa kuba abagororotsi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِمَّا نُرِيَنَّكَ بَعۡضَ ٱلَّذِي نَعِدُهُمۡ أَوۡ نَتَوَفَّيَنَّكَ فَإِلَيۡنَا مَرۡجِعُهُمۡ ثُمَّ ٱللَّهُ شَهِيدٌ عَلَىٰ مَا يَفۡعَلُونَ
Ntumwa y’Imana! Nitwaramuka Tukweretse ukiri muzima bimwe mu bihano Twabasezeraniye kw’isi, canke Tukakwaka ubuzima ugapfa Tutarabikwereka, uko biri kwose ico womenya, ni uko impera n'imperuka bazosubizwa iwacu Twebwe Allah. Hanyuma Imana Allah, ni Yo Cabona ku vyo bagira vyose kw'isi, kandi Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلِكُلِّ أُمَّةٖ رَّسُولٞۖ فَإِذَا جَآءَ رَسُولُهُمۡ قُضِيَ بَيۡنَهُم بِٱلۡقِسۡطِ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Bantu! Umugwi uwo ari wo wose w’abantu wabayeho aho hambere yanyu, wararungikiwe Intumwa ivuye muri bo; nk’uko mwarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ibararikira kwumvira Imana Allah. Igihe rero haje Intumwa yabo ku musi w’izuka, bazocirirwa urugororotse, eka ntibazorenganywa namba.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza bavuga bati: “Mbega umusi w’izuka ni ryari, niwaba wewe n’abagukurikiye muri imvugakuri mu vyo mudusezeranira?”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُل لَّآ أَمۡلِكُ لِنَفۡسِي ضَرّٗا وَلَا نَفۡعًا إِلَّا مَا شَآءَ ٱللَّهُۗ لِكُلِّ أُمَّةٍ أَجَلٌۚ إِذَا جَآءَ أَجَلُهُمۡ فَلَا يَسۡتَـٔۡخِرُونَ سَاعَةٗ وَلَا يَسۡتَقۡدِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Nta kibi nshoboye kwikingira, eka nta n’ico nokwimarira kiretse ico Imana Allah Yashatse ko kiba”. Burya umugwi wose w’abantu urafise isango wagenewe ryo gupfa; igihe rero isango ryawo ryo gupfa ryageze, ntushobora kwongerezwa ikiringo co kubaho eka n’ikiringo co kubaho, ntikinashobora guhera imbere y’isango nyezina.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ إِنۡ أَتَىٰكُمۡ عَذَابُهُۥ بَيَٰتًا أَوۡ نَهَارٗا مَّاذَا يَسۡتَعۡجِلُ مِنۡهُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Enda nyabuna, nimumbwire uko mwovyifatamwo, igihe mwoshikirwa n’ibihano vy’Imana Allah mw’ijoro canke ku murango! Mbega abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bihutira iki mu gusaba ibihano!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَثُمَّ إِذَا مَا وَقَعَ ءَامَنتُم بِهِۦٓۚ ءَآلۡـَٰٔنَ وَقَدۡ كُنتُم بِهِۦ تَسۡتَعۡجِلُونَ
Mbega bagarariji! Inyuma y’aho mushikiwe n’ibihano, ni ho mwokwemera Imana Allah, kandi nya kwemera muri ico gihe ata co kwobamarira! Mwoheza mukabwirwa muti: “Ubu ni ho mubonye kwemera Imana Allah kandi mwahora muyiteburako!”;
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ قِيلَ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ ذُوقُواْ عَذَابَ ٱلۡخُلۡدِ هَلۡ تُجۡزَوۡنَ إِلَّا بِمَا كُنتُمۡ تَكۡسِبُونَ
Hanyuma abirenganije mu kugarariza Imana Allah na bo, bakabwirwa bati: “Nimwumvirize ibihano vy’Imana Allah vyamaho, burya mugira ngo murahembwa kiretse ku vyo mwari mwararondeye kw’isi!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَيَسۡتَنۢبِـُٔونَكَ أَحَقٌّ هُوَۖ قُلۡ إِي وَرَبِّيٓ إِنَّهُۥ لَحَقّٞۖ وَمَآ أَنتُم بِمُعۡجِزِينَ
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku vyerekeye guhanwa ku musi w’izuka, ko ari ivy’ukuri! Bishure uti: “Ego cane, ndarahiye kw’izina ry’Imana yanje Rurema Allah, ni ivy’ukuri koko, kandi na mwe ntimuzonanira Imana Allah ko Ibazura, Ikanabahembera ivyo mwakoze”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَوۡ أَنَّ لِكُلِّ نَفۡسٖ ظَلَمَتۡ مَا فِي ٱلۡأَرۡضِ لَٱفۡتَدَتۡ بِهِۦۗ وَأَسَرُّواْ ٱلنَّدَامَةَ لَمَّا رَأَوُاْ ٱلۡعَذَابَۖ وَقُضِيَ بَيۡنَهُم بِٱلۡقِسۡطِ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Umuntu uwo ari we wese yirenganije mu kugarariza Imana Allah, iyo aba ashobora kugaba ibiri kw’isi vyose, akemererwa kubitanga ngo ntahanwe ku musi w’izuka, yovyigomboje mu bihano; abirenganije bazokwiyorobeka mu kutagaragaza ukwicuza igihe babonye ibihano vy’Imana Allah, bazoheza rero bacirirwe urugororotse, eka ntibazorenganywa namba ngo bacirirwe urwa ngondagonde.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَلَآ إِنَّ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ أَلَآ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, ibiri mu majuru no mw’isi vyose, ni ivy’Imana Allah. Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, isezerano ry’Imana Allah ryo guhura no guhana ababangikanyamana, ni iry’ukuri, ariko rero abenshi muri bo nta vyo bazi.
Arabic explanations of the Qur’an:
هُوَ يُحۡيِۦ وَيُمِيتُ وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Imana Allah, ni Yo Itanga ubuzima, ni na Yo Yaka ubuzima; impera n'imperuka rero ni kuri Yo muzosubizwa nimwazuka.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ قَدۡ جَآءَتۡكُم مَّوۡعِظَةٞ مِّن رَّبِّكُمۡ وَشِفَآءٞ لِّمَا فِي ٱلصُّدُورِ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٞ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ
Emwe bantu! Ni ukuri, mwarashikiriwe n’Igitabu ca Qor’ani kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, kibagabisha ku bihano, kikanaremesha abemeramana, kirimwo n’agakiza k’indwara zihungabanya umushaha; nk’ubujuju n’ibangikanyamana. Muri co, harimwo kandi uburongozi n’impuhwe ku bemeramana.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ بِفَضۡلِ ٱللَّهِ وَبِرَحۡمَتِهِۦ فَبِذَٰلِكَ فَلۡيَفۡرَحُواْ هُوَ خَيۡرٞ مِّمَّا يَجۡمَعُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bose uti: “Ni ku mpano n’impuhwe vy’Imana Allah vyatumye Ibahitiramwo idini ry’ubwislamu”. Kubera ivyo rero, nibagire akamwemwe, kuko ivyo ni ivyiza nta ngere kuri bo, biruta amatungo bahurumbira kwegeranya.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ أَرَءَيۡتُم مَّآ أَنزَلَ ٱللَّهُ لَكُم مِّن رِّزۡقٖ فَجَعَلۡتُم مِّنۡهُ حَرَامٗا وَحَلَٰلٗا قُلۡ ءَآللَّهُ أَذِنَ لَكُمۡۖ أَمۡ عَلَى ٱللَّهِ تَفۡتَرُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira abahakana bivuye inyuma Qor’ani, uti: “Enda nyabuna, nimumbwire ico mwibaza ku vyerekeye ibibabeshaho[13] mwaremewe n’Imana Allah, maze mukazirura bimwe muri vyo, ibindi mukabiziririza!”. Babaze uti: “Burya none, ni Imana Allah Yabarekuriye kuvuga ivyo! Canke murementaniriza Imana Allah ivyo Itigeze Ivuga!”.
[13] Mu bitungwa, ibiterwa n’ibindi vyiza mwaremewe n’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا ظَنُّ ٱلَّذِينَ يَفۡتَرُونَ عَلَى ٱللَّهِ ٱلۡكَذِبَ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَذُو فَضۡلٍ عَلَى ٱلنَّاسِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَشۡكُرُونَ
Mbega abarementaniriza Imana Allah ivyo Itigeze Ivuga, bibaza ko Imana Allah Itazobibahanira ku musi w’izuka! Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimpano ku bantu[14], ariko rero abenshi muri bo ntibashima impano zayo.
[14] Mu kutihutira guhana abayibeshera ng’aha kw’isi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا تَكُونُ فِي شَأۡنٖ وَمَا تَتۡلُواْ مِنۡهُ مِن قُرۡءَانٖ وَلَا تَعۡمَلُونَ مِنۡ عَمَلٍ إِلَّا كُنَّا عَلَيۡكُمۡ شُهُودًا إِذۡ تُفِيضُونَ فِيهِۚ وَمَا يَعۡزُبُ عَن رَّبِّكَ مِن مِّثۡقَالِ ذَرَّةٖ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا فِي ٱلسَّمَآءِ وَلَآ أَصۡغَرَ مِن ذَٰلِكَ وَلَآ أَكۡبَرَ إِلَّا فِي كِتَٰبٖ مُّبِينٍ
Ntumwa y’Imana! Ntivyigera bishika na rimwe ko hagira ico utunganya, ico usoma muri Aayah za Qor’ani, eka nta n’ico mukora mwebwe abantu caba iciza canke ikibi, kiretse ko Twebwe Allah Tuba Turi Icabona, Tubibona neza igihe mutanguye kubikora kugira Tubibungabunge, Tuzonabibahembere; nta n’icinyegeza Imana yawe Rurema Allah mw’isi eka no mw’ijuru nyene, n’aho coba kingana n’akantu inzatsa, eka mbere n’aho coba gito cane canke kinini kuruta inzatsa, kiretse ko canditswe kandi kibungabunzwe ku Mana Allah mu Gitabu gitomora vyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَلَآ إِنَّ أَوۡلِيَآءَ ٱللَّهِ لَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, abatoni b’Imana Allah, nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi;
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَكَانُواْ يَتَّقُونَ
Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanashira mu ngiro ivyo ibabwirije, bakongera bagatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;
Arabic explanations of the Qur’an:
لَهُمُ ٱلۡبُشۡرَىٰ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَفِي ٱلۡأٓخِرَةِۚ لَا تَبۡدِيلَ لِكَلِمَٰتِ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ
Barafise inkuru nziza iremesha ivuye ku Mana Allah, ko bazororanirwa mu buzima bwo kw’isi[15], n’uko bazohabwa Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Nta gihinduka rero mu vyo Imana Allah Yabasezeraniye, iyo ni yo ntsinzi rero ihambaye.
[15] Biri mu biremesha abatoni b’Imana Allah kw’isi, kurota canke kuroterwa indoto nziza ziremesha.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَا يَحۡزُنكَ قَوۡلُهُمۡۘ إِنَّ ٱلۡعِزَّةَ لِلَّهِ جَمِيعًاۚ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Ntumwa y’Imana! Ntugatuntuzwe n’ibivugwa n’ababangikanyamana mw'irementanya ryabo, mu vy’ukuri intsinzi y’inganji kw’isi no mw’ijuru, ni iy’Imana Allah, ni na Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَلَآ إِنَّ لِلَّهِ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَن فِي ٱلۡأَرۡضِۗ وَمَا يَتَّبِعُ ٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ شُرَكَآءَۚ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّ وَإِنۡ هُمۡ إِلَّا يَخۡرُصُونَ
Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, ibiremwa vyose [16] biri mu majuru no mw’isi, ni ivy’Imana Allah. Mbega abasenga ibigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, bisunga ukuhe kuri! Nta co bakurikira kiretse ivyo bakekeranya ko ari ukuri, nta n’ico bazi kiretse irementanya ry'ibangikanyamana;
[16] Ibiremwa vy’ibinyabuzima; abamalayika, abantu, amajini n’ibindi.
Arabic explanations of the Qur’an:
هُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلَّيۡلَ لِتَسۡكُنُواْ فِيهِ وَٱلنَّهَارَ مُبۡصِرًاۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَسۡمَعُونَ
Ni Yo Yabaremeye ijoro kugira muturure, muruhuke umuruho wo ku murango; Ibaremera n'umurango kugira mwishire mwizane mu kurondera ikibabeshaho. Mu vy’ukuri, mw’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango mw'ibisikanya ryavyo, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu bumva, bagategera, bakamenya ko hariho Imana Imwe Rudende Ikwiye gusengwa Itabangikanywa.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱللَّهُ وَلَدٗاۗ سُبۡحَٰنَهُۥۖ هُوَ ٱلۡغَنِيُّۖ لَهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۚ إِنۡ عِندَكُم مِّن سُلۡطَٰنِۭ بِهَٰذَآۚ أَتَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Ababangikanyamana bavuze ko Imana Allah Yiyitiriye umwana[17]. Banguha! Imana Allah nininahazwe mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya, ni Yo Uwikenuye Yikwije muri vyose, ni Yo Nkomoko y'impuhwe ku biremwa, Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, eka nta n’icemezo mufise ku vyo murementaniriza Imana Allah. Mbega yemwe, karashize ingani muvuge n’ivyo mutazi ku vyerekeye Imana Allah!
[17] Nk’uko bavuze kandi ko abamalayika ari abakobwa b’Imana Allah, canke ko Masiihi Isa mwene Mariyamu, ari umwana w’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَفۡتَرُونَ عَلَى ٱللَّهِ ٱلۡكَذِبَ لَا يُفۡلِحُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: "Mu vy’ukuri, abarementaniriza Imana Allah ko ifise umwana bakanayibangikanya, ntibazokwigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa";
Arabic explanations of the Qur’an:
مَتَٰعٞ فِي ٱلدُّنۡيَا ثُمَّ إِلَيۡنَا مَرۡجِعُهُمۡ ثُمَّ نُذِيقُهُمُ ٱلۡعَذَابَ ٱلشَّدِيدَ بِمَا كَانُواْ يَكۡفُرُونَ
Bazoryoherwa gusa gato n'iryo rementanya kw’isi; hanyuma impera n’imperuka nibapfa, bazosubizwa iwacu Twebwe Allah, Duheze Tubahonje ibihano bikaze vyo mu muriro wa Jahannamu, bitewe n'ukuntu bagararije.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَٱتۡلُ عَلَيۡهِمۡ نَبَأَ نُوحٍ إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦ يَٰقَوۡمِ إِن كَانَ كَبُرَ عَلَيۡكُم مَّقَامِي وَتَذۡكِيرِي بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ فَعَلَى ٱللَّهِ تَوَكَّلۡتُ فَأَجۡمِعُوٓاْ أَمۡرَكُمۡ وَشُرَكَآءَكُمۡ ثُمَّ لَا يَكُنۡ أَمۡرُكُمۡ عَلَيۡكُمۡ غُمَّةٗ ثُمَّ ٱقۡضُوٓاْ إِلَيَّ وَلَا تُنظِرُونِ
Ntumwa y’Imana! Cira agace abagarariji b’i Makka ku nkuru ya Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe n’abantu yarungitsweko, igihe yabwira abantu biwe ati: “Emwe bantu banje! Nimwaba mubangamiwe n’ukuba ndi kumwe na mwe, n’ukubibutsa ivyemezo vy’uko Imana Allah ari Imwe Rudende, nimumenye ko jewe nishimikije Imana Allah nkayizera, enda nyabuna rero, nimugire ico mupfunditse, mwebwe hamwe n’abo mucuditse, kandi ntimubigire mu mpisho ngo mwiyorobeke, muheze rero mumpe igihano mwipfuza, ntimundindirize n’akanya na gato;
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِن تَوَلَّيۡتُمۡ فَمَا سَأَلۡتُكُم مِّنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَى ٱللَّهِۖ وَأُمِرۡتُ أَنۡ أَكُونَ مِنَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ
Nimwaramuka rero mugenjeje umugongo mukirengagiza ivyo ndabararikira, jewe nta mpembo ndabasavye kw’ishikiriza-butumwa ryanje, kanatsinda ni no ku neza yanyu, impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah, nategetswe no kuba mu bislamu bicisha bugufi kuri Yo.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَكَذَّبُوهُ فَنَجَّيۡنَٰهُ وَمَن مَّعَهُۥ فِي ٱلۡفُلۡكِ وَجَعَلۡنَٰهُمۡ خَلَٰٓئِفَ وَأَغۡرَقۡنَا ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَاۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُنذَرِينَ
Abantu ba Nuhu rero, baramugararije, Turaheza Twebwe Allah Turamurokora we hamwe n’abari kumwe na we mu bwato igihe c’isegenya, ni na bo Twahavuye Dusubiriza abahonejwe, Dushoka Dusomesha nturi abagararije bagahakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu. Ntumwa y’Imana! Raba rero ukuntu iherezo ry’abagabishijwe ku bihano vy’Imana Allah ntibumva, ryagenze!
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ بَعَثۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِۦ رُسُلًا إِلَىٰ قَوۡمِهِمۡ فَجَآءُوهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَمَا كَانُواْ لِيُؤۡمِنُواْ بِمَا كَذَّبُواْ بِهِۦ مِن قَبۡلُۚ كَذَٰلِكَ نَطۡبَعُ عَلَىٰ قُلُوبِ ٱلۡمُعۡتَدِينَ
Mu nyuma y’irungikwa rya Nuhu, ni ho Twarungika Intumwa zitandukanye ku bantu bazo[18]. Izo Ntumwa ziraheza ziza zibazaniye ivyemezo vyerekana ko ziri mu kuri, abantu zarungitsweko, ntibigeze bemera ukuri bashikirijwe, ari na kwo kwagararijwe n’abarungikiwe Intumwa aho hambere yabo. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima y’ab’aho hambere yabo kubera ubugaba bwabo, ntibashobora kwemera - Dutera ikimangu c’ubugarariji ku mitima y’abarenga imbibe z'Imana Allah z'ibibujijwe.
[18] Huudi, Swalehe, Ibrahimu, Luutwi na Shu’ayibu, n’izindi.
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ بَعَثۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِم مُّوسَىٰ وَهَٰرُونَ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَمَلَإِيْهِۦ بِـَٔايَٰتِنَا فَٱسۡتَكۡبَرُواْ وَكَانُواْ قَوۡمٗا مُّجۡرِمِينَ
Mu nyuma y’irungikwa ry’izo Ntumwa, ni ho Twarungika Intumwa Musa na murumunawe Haruna (za nyakugira amahoro y’Imana Allah) kwa Firawuni n’abunganizi biwe, Tuzirungikana ibitangaro vyemeza ko ari Intumwa z’ukuri, maze Firawuni n’abunganizi biwe bagira amanyama n'akantu mu guhonyanga ukuri, vyongeye bari n'abantu b’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّا جَآءَهُمُ ٱلۡحَقُّ مِنۡ عِندِنَا قَالُوٓاْ إِنَّ هَٰذَا لَسِحۡرٞ مُّبِينٞ
Igihe rero bashikirwa n’ibitangaro Twarungikanye Musa, vyemeza ukuri yazanye, bavyamiriye kure bavuga bati: “Mu vy’ukuri, ivyo Musa yerekana, ni uburozi bweruye”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ مُوسَىٰٓ أَتَقُولُونَ لِلۡحَقِّ لَمَّا جَآءَكُمۡۖ أَسِحۡرٌ هَٰذَا وَلَا يُفۡلِحُ ٱلسَّٰحِرُونَ
Maze Musa arumirwa abishura ati: “N’aho nakagendeye! Karashize ingani muvuge ko n’ibitangaro nabazaniye vyemeza ukuri, ari uburozi bweruye! Ubwo mwihweje neza, ntimubona ibitangaro nabazaniye ko ari ivy’ukuri! Burya abarozi ntibigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi eka no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُوٓاْ أَجِئۡتَنَا لِتَلۡفِتَنَا عَمَّا وَجَدۡنَا عَلَيۡهِ ءَابَآءَنَا وَتَكُونَ لَكُمَا ٱلۡكِبۡرِيَآءُ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا نَحۡنُ لَكُمَا بِمُؤۡمِنِينَ
Firawuni n’abunganizi biwe bavuze babwira Musa bati: “Karashize ingani uze kudukura mu kwemera kwacu kwo gusenga ibigirwamana, twasanze abavyeyi bacu basenga, uheze wewe na murumunawe Haruna muce muba ibihangange ku butaka bwa Misiri! Ihibambewe, ntiturota tubemera namba!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ فِرۡعَوۡنُ ٱئۡتُونِي بِكُلِّ سَٰحِرٍ عَلِيمٖ
Firawuni yashotse avuga ati: “Enda nyabuna rero, nimunzanire umukonikoni uwo ari we wese karuhariwe”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّا جَآءَ ٱلسَّحَرَةُ قَالَ لَهُم مُّوسَىٰٓ أَلۡقُواْ مَآ أَنتُم مُّلۡقُونَ
Nya bakonikoni ba Firawuni bamaze kuza, Musa yababwiye ati: “Enda nyabuna rero, nimuterere hasi imizana n’inkoni vyanyu”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّآ أَلۡقَوۡاْ قَالَ مُوسَىٰ مَا جِئۡتُم بِهِ ٱلسِّحۡرُۖ إِنَّ ٱللَّهَ سَيُبۡطِلُهُۥٓ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُصۡلِحُ عَمَلَ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Ba bakonikoni bamaze guterera hasi nya mizana n’inkoni vyabo, Musa yababwiye ati: “Ivyo mwazanye mugaterera hasi, ni ubukonikoni bwigendera! Mu vy’ukuri Imana Allah, Irabuzimanganya; mu vy’ukuri Imana Allah, ntitunganya namba ibikorwa vy’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَيُحِقُّ ٱللَّهُ ٱلۡحَقَّ بِكَلِمَٰتِهِۦ وَلَوۡ كَرِهَ ٱلۡمُجۡرِمُونَ
Imana Allah Iranatsimbataza ukuri kw’amajambo yayo, maze ikinyoma kigakubitirwa ahabona n’aho vyoshavuza abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yayo”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَمَآ ءَامَنَ لِمُوسَىٰٓ إِلَّا ذُرِّيَّةٞ مِّن قَوۡمِهِۦ عَلَىٰ خَوۡفٖ مِّن فِرۡعَوۡنَ وَمَلَإِيْهِمۡ أَن يَفۡتِنَهُمۡۚ وَإِنَّ فِرۡعَوۡنَ لَعَالٖ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَإِنَّهُۥ لَمِنَ ٱلۡمُسۡرِفِينَ
Hamwe n’ivyo bitangaro vyose rero, Musa nta wamwemeye mu bantu biwe ku gutinya ibihano vya Firawuni n’abunganizi biwe, kiretse abantu bari ku rushi bari muri Bene Israyeli. Mu vy’ukuri, Firawuni yarimonogoje mu bwishime kw’isi; mu vy’ukuri, yari no mu bimonogoje mu bugarariji.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ مُوسَىٰ يَٰقَوۡمِ إِن كُنتُمۡ ءَامَنتُم بِٱللَّهِ فَعَلَيۡهِ تَوَكَّلُوٓاْ إِن كُنتُم مُّسۡلِمِينَ
Musa yabwiye abantu biwe ati: “Bantu banje! Nimwaba mwemera Imana Imwe Rudende Allah mukubahiriza n’amabwirizwa yayo, enda nyabuna rero, nimuyizere nimwaba mwicisha bugufi kuri Yo”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَقَالُواْ عَلَى ٱللَّهِ تَوَكَّلۡنَا رَبَّنَا لَا تَجۡعَلۡنَا فِتۡنَةٗ لِّلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Abantu ba Musa baciye bamwishura bavuga bati: “Twaramaze kwizera Imana Imwe Rudende Allah. Mana yacu Nzima! Ntutugire imvo y’igeragezwa mw’idini ku bantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yawe[19];
[19] Mu gushoboza abagarariji kutunesha bagashoka bavuga ngo iyo idini ryabo riba iry’ukuri, ntibari kuneshwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَنَجِّنَا بِرَحۡمَتِكَ مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Dukingire ku mpuhwe zawe, ihohotera n’agacinyizo k’abantu b’abagarariji”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰ وَأَخِيهِ أَن تَبَوَّءَا لِقَوۡمِكُمَا بِمِصۡرَ بُيُوتٗا وَٱجۡعَلُواْ بُيُوتَكُمۡ قِبۡلَةٗ وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَۗ وَبَشِّرِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Twaranahishuriye Musa na murumunawe Haruna Duti: “Nimufate muronderere abantu banyu amazu muri Misiri bahungiramwo ihohotera n’agacinyizo ka Firawuni, muheze mugire nya mazu ihuriro ryanyu, mwongere mutsimbataze isengesho ku mwanya waryo. Musa! Uranashikiriza kandi abemeramana inkuru nziza ihumuriza y’intsinzi n’indishi ihambaye”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ مُوسَىٰ رَبَّنَآ إِنَّكَ ءَاتَيۡتَ فِرۡعَوۡنَ وَمَلَأَهُۥ زِينَةٗ وَأَمۡوَٰلٗا فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا رَبَّنَا لِيُضِلُّواْ عَن سَبِيلِكَۖ رَبَّنَا ٱطۡمِسۡ عَلَىٰٓ أَمۡوَٰلِهِمۡ وَٱشۡدُدۡ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ فَلَا يُؤۡمِنُواْ حَتَّىٰ يَرَوُاْ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَلِيمَ
Musa yahavuye atakambira Imana Allah avuga ati: “Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri, Wewe Wahaye Firawuni n’abunganizi biwe ibiryohera amaso mu buzima bwo kw’isi, ha kugushimira, babikoresheje mu guhubisha abantu inzira yawe. Mana yacu Rurema Allah! Honya amatungo yabo ntihagire ico azobamarira, Wongere Utere ikimangu ku mitima yabo, ntibazokwemere gushika bibonereko ibihano bibabaza”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ قَدۡ أُجِيبَت دَّعۡوَتُكُمَا فَٱسۡتَقِيمَا وَلَا تَتَّبِعَآنِّ سَبِيلَ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَ
Imana Allah Yishuye Musa na Haruna Iti: “Ni ukuri, igisabisho canyu[20] kuri Firawuni, camaze kwemerwa. Kubera ivyo rero, nimuhagararire idini ryanyu bikwiye, mubandanye kurarikira Firawuni n’abunganizi biwe, ukwemera Imana Imwe Rudende Allah; ntimugakurikire namba inzira y’abadatahura ukuri kw’isezerano ryanje”.
[20] Musa ni we yasaba, hanyuma Haruna na we akitabira "Aamiin".
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَجَٰوَزۡنَا بِبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱلۡبَحۡرَ فَأَتۡبَعَهُمۡ فِرۡعَوۡنُ وَجُنُودُهُۥ بَغۡيٗا وَعَدۡوًاۖ حَتَّىٰٓ إِذَآ أَدۡرَكَهُ ٱلۡغَرَقُ قَالَ ءَامَنتُ أَنَّهُۥ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا ٱلَّذِيٓ ءَامَنَتۡ بِهِۦ بَنُوٓاْ إِسۡرَٰٓءِيلَ وَأَنَا۠ مِنَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ
Twaranajabukije Bene Israyeli ibahari, maze Firawuni n’abunganizi biwe baraheza barabakurikira kubera akarenganyo n’urwanko babafitiye; Firawuni atanguye gusoma nturi, ni ho yavuga ati: “Nemeye ko ata mana kiretse Imana Yemewe na Bene Israyeli, kandi nanje ndi mu bislamu bicisha bugufi, basenga Imana Imwe Rudende batayibangikanya”.
Arabic explanations of the Qur’an:
ءَآلۡـَٰٔنَ وَقَدۡ عَصَيۡتَ قَبۡلُ وَكُنتَ مِنَ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Ewe Firawuni! Ubu uri ku mpfiro, ni ho wemanga ko Imana ari Imwe Rudende, kandi wahora uyigarariza imbere yuko usoma nturi, wari no mu bononyi baca kubiri n’amabwirizwa yayo!
Arabic explanations of the Qur’an:
فَٱلۡيَوۡمَ نُنَجِّيكَ بِبَدَنِكَ لِتَكُونَ لِمَنۡ خَلۡفَكَ ءَايَةٗۚ وَإِنَّ كَثِيرٗا مِّنَ ٱلنَّاسِ عَنۡ ءَايَٰتِنَا لَغَٰفِلُونَ
Uno musi rero, Turarokora ikiziga n’ibihimba vyawe kugira abohakana ko atari wewe wasomeshejwe nturi, bakwibonere ukuri kwamye, uheze ubere inkebuzo abazoza mu nyuma. Mu vy’ukuri, abenshi mu bantu baragotwa bakirengagiza ivyemezo vyacu.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَقَدۡ بَوَّأۡنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ مُبَوَّأَ صِدۡقٖ وَرَزَقۡنَٰهُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِ فَمَا ٱخۡتَلَفُواْ حَتَّىٰ جَآءَهُمُ ٱلۡعِلۡمُۚ إِنَّ رَبَّكَ يَقۡضِي بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ
Ni ukuri, Bene Israyeli Twarabahaye uburaro n’uburamuko mu bihugu vya Shaamu na Misiri, Turanabaronsa ivyiza bibaryohera, bitazira; ntibigeze bacanamwo mw’idini, kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’ubumenyi bubasaba gushira hamwe, gufatana mu nda hamwe rero no kukwemera [266]. Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah ku musi w’izuka, Izobacira urutunganye, Iheze Igaragaze ukuri n’ikinyoma ku vyo bahazanako kuri wewe.
[266] Nko kumenya ivyerekana umuzo w’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bivugwa muri Tawurati, n’aho bahavuye bayihakana.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِن كُنتَ فِي شَكّٖ مِّمَّآ أَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ فَسۡـَٔلِ ٱلَّذِينَ يَقۡرَءُونَ ٱلۡكِتَٰبَ مِن قَبۡلِكَۚ لَقَدۡ جَآءَكَ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَ فَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُمۡتَرِينَ
Ntumwa y’Imana! Uramutse ugize amakenga ku kuri kuri mu vyo Twakumanuriye, uraheza ubaze abasoma Tawurati n’Injili mu bahawe Igitabu aho hambere yawe, kugira ngo bemange ko ari ivy’ukuri. Ni ukuri, warashikiriwe n’ukuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah ko wewe uri Intumwa yayo nk’uko biri muri Tawurati n’Injili. Ntumwa y’Imana! Ntukabe rero mu bakekeranya ko uri Intumwa vy’ukuri [267];
[267] Iyi Aayah, yerekana ko ababangikanyamana ata citwazo bafise co kutemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kuko n’abahawe Igitabu mu bayahudi n’abanaswara barazi neza ko n’aho bayigarariza, ari Intumwa y’Imana vy’ukuri.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ فَتَكُونَ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Ntukabe no mu bahinyuza bagahakana bivuye inyuma ivyemezo vy’Imana Allah, wohava uba mu bahomvye ubuzima bwabo.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ حَقَّتۡ عَلَيۡهِمۡ كَلِمَتُ رَبِّكَ لَا يُؤۡمِنُونَ
Mu vy’ukuri, abo ijambo ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kuvuma no guhana ryagiriye, ntibemera ivyemezo vyayo, eka ntibanayemera ngo bubahirize amabwirizwa yayo;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَوۡ جَآءَتۡهُمۡ كُلُّ ءَايَةٍ حَتَّىٰ يَرَوُاْ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَلِيمَ
N'iyo bashikiriwe n’inkebuzo, gushika n'aho bashikirwa n’ibihano bibabaza bakabibona ukuri kwamye, ico gihe bazoheza bakwemere, kandi ukwemera kwabo muri ico gihe, ata co kuzobamarira.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَوۡلَا كَانَتۡ قَرۡيَةٌ ءَامَنَتۡ فَنَفَعَهَآ إِيمَٰنُهَآ إِلَّا قَوۡمَ يُونُسَ لَمَّآ ءَامَنُواْ كَشَفۡنَا عَنۡهُمۡ عَذَابَ ٱلۡخِزۡيِ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَمَتَّعۡنَٰهُمۡ إِلَىٰ حِينٖ
Nta banyagacimbiri bigeze bemera mu gihe bagiriwe n’ibihano, maze ukwemera kwabo kukagira ico kubamariye, kiretse abantu barungikiwe Intumwa Yunusu mwene Mattaa (nyakugira amahoro y’Imana Allah); igihe babona ko bagiye guhanwa, barigaye ku Mana Allah, baraheza barayemera, ni ho rero Twebwe Allah Twaca Tubakurako ibihano bisuzuguza vyari bigiye kubashikira, Turaheza Tubaha kuryoherwa gato n’ubuzima bwo kw’isi gushika ku musi wa rwo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَوۡ شَآءَ رَبُّكَ لَأٓمَنَ مَن فِي ٱلۡأَرۡضِ كُلُّهُمۡ جَمِيعًاۚ أَفَأَنتَ تُكۡرِهُ ٱلنَّاسَ حَتَّىٰ يَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Iyo Imana yawe Rurema Allah Ishaka ko abari kw’isi bemera bose, nta cari kubuza ko bose bemera ukuri wabazaniye. Wewe rero ntushobora namba guhatira abantu ku kwemera [268]!
[268] Kuko Imana Allah Irongora mu nzira yayo uwo Ishatse mu gihe agamburutse, Igahubisha uwo Ishatse mu gihe abaye intumva.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا كَانَ لِنَفۡسٍ أَن تُؤۡمِنَ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ وَيَجۡعَلُ ٱلرِّجۡسَ عَلَى ٱلَّذِينَ لَا يَعۡقِلُونَ
Kira noneho rero, nta muntu n’umwe ashobora kwemera Imana Allah, kiretse ku gushobozwa na Yo ku burenganzira bwayo. Burya Imana Allah, Iha ibihano abantu badatahura amabwirizwa yayo, ntibananyurwe n’ivyemezo vyayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلِ ٱنظُرُواْ مَاذَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَمَا تُغۡنِي ٱلۡأٓيَٰتُ وَٱلنُّذُرُ عَن قَوۡمٖ لَّا يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Enda nyabuna, nimurabe maze munyurwe n’ivyemezo bigaragara biri mu majuru no mw’isi”. Ariko rero ivyemezo n’igabisha ku bihano vy’Imana Allah, nta co vyungura abantu batavyemera.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَهَلۡ يَنتَظِرُونَ إِلَّا مِثۡلَ أَيَّامِ ٱلَّذِينَ خَلَوۡاْ مِن قَبۡلِهِمۡۚ قُلۡ فَٱنتَظِرُوٓاْ إِنِّي مَعَكُم مِّنَ ٱلۡمُنتَظِرِينَ
Mbega barindiriye iki kugira bemere, kiretse umusi babonye ibihano bigiye kubashikira; nk’uko vyashikiye ababayeho aho hambere yabo! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimurindire rero ingingo y’Imana Allah ku bigaba, nanje mu vy’ukuri ndarindiriye hamwe na mwe”.
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ نُنَجِّي رُسُلَنَا وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْۚ كَذَٰلِكَ حَقًّا عَلَيۡنَا نُنجِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Hanyuma Twebwe Allah Tuzoheza Turokore Intumwa zacu n’abemeramana bari kumwe na zo. Ni nk’uko nyene rero - Twabarokoye - Dutegerezwa kukurokora na we Ntumwa y’Imana hamwe n’abemeramana muri kumwe.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِن كُنتُمۡ فِي شَكّٖ مِّن دِينِي فَلَآ أَعۡبُدُ ٱلَّذِينَ تَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَلَٰكِنۡ أَعۡبُدُ ٱللَّهَ ٱلَّذِي يَتَوَفَّىٰكُمۡۖ وَأُمِرۡتُ أَنۡ أَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Nimwaba mufise amakenga kw’idini ryanje ry’ubwislamu ndabararikira kwinjira, nimumenye ko jewe ntasenga namba mu gishingo c'Imana Allah, ivyo musenga mu bigirwamana, ahubwo nsenga Imana Allah Ishoboye kubaka ubuzima mugapfa, naranategetswe kuba mu bemeramana bubahiriza amabwirizwa yayo”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَأَنۡ أَقِمۡ وَجۡهَكَ لِلدِّينِ حَنِيفٗا وَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Ntumwa y’Imana! Tumbera uheze ushishikare wewe hamwe n’abagukurikiye mu kwubahiriza idini ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah, kandi ntukabe namba mu babangikanyamana;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَا تَدۡعُ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُكَ وَلَا يَضُرُّكَۖ فَإِن فَعَلۡتَ فَإِنَّكَ إِذٗا مِّنَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Kandi ntugasabe mu gusenga ikitari Imana Allah, ata na kimwe cokumarira mu gihe wogisaba, eka ata n’ico cokwicira mu gihe woreka kugisaba. Mu gihe rero, woramuka ugisavye, woca uba mu babangikanyamana birenganije mw'ibangikanyamana[24];
[24] Ingingo iri muri iyi Aayah, n’aho itumberejwe ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ariko ishirwa mu ngiro ryayo, ryerekeye abislamu bose muri rusangi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِن يَمۡسَسۡكَ ٱللَّهُ بِضُرّٖ فَلَا كَاشِفَ لَهُۥٓ إِلَّا هُوَۖ وَإِن يُرِدۡكَ بِخَيۡرٖ فَلَا رَآدَّ لِفَضۡلِهِۦۚ يُصِيبُ بِهِۦ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦۚ وَهُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ
Imana Allah mu gihe Yogutera ivyago, nta n’umwe yobigukuramwo kiretse Yo Yonyene; hamwe naho Yoguha kuroranirwa mu buzima, nta n’umwe yobuza ko uroranirwa. Burya Imana Allah, Itera ivyago canke Igaha kuroranirwa uwo Ishatse mu biremwa vyayo; ni na Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ قَدۡ جَآءَكُمُ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكُمۡۖ فَمَنِ ٱهۡتَدَىٰ فَإِنَّمَا يَهۡتَدِي لِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن ضَلَّ فَإِنَّمَا يَضِلُّ عَلَيۡهَاۖ وَمَآ أَنَا۠ عَلَيۡكُم بِوَكِيلٖ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Mwaramaze gushikirwa n’Intumwa ibazaniye Qor’ani ivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, irimwo uburongozi; uwuzotumbera rero inzira igororotse, ni we nyene bizogirira akamaro; uwuzohuba iyo nzira na we, akaba intumva, ni we nyene bizogirira inkurikizi mbi. Kira noneho, nanje sinshinzwe kubahatira kwemera, ahubwo nshinzwe gusa kubashikiriza ubutumwa butomoye”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱتَّبِعۡ مَا يُوحَىٰٓ إِلَيۡكَ وَٱصۡبِرۡ حَتَّىٰ يَحۡكُمَ ٱللَّهُۚ وَهُوَ خَيۡرُ ٱلۡحَٰكِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Kurikira unagendere ivyo wahishuriwe n’Imana Allah, maze wihanganire iyumviramana n'ibigushikira mw'ishikiriza-butumwa ryawe, gushika Imana Allah Izobacire urutunganye. Ni na Yo rero Mwiza w’abacamanza batunganiriza ibiremwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
 
Translation of the meanings Surah: Yūnus
Surahs’ Index Page Number
 
Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية - Translations’ Index

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

close