Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Translations’ Index

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Translation of the meanings Ayah: (17) Surah: Hūd
أَفَمَن كَانَ عَلَىٰ بَيِّنَةٖ مِّن رَّبِّهِۦ وَيَتۡلُوهُ شَاهِدٞ مِّنۡهُ وَمِن قَبۡلِهِۦ كِتَٰبُ مُوسَىٰٓ إِمَامٗا وَرَحۡمَةًۚ أُوْلَٰٓئِكَ يُؤۡمِنُونَ بِهِۦۚ وَمَن يَكۡفُرۡ بِهِۦ مِنَ ٱلۡأَحۡزَابِ فَٱلنَّارُ مَوۡعِدُهُۥۚ فَلَا تَكُ فِي مِرۡيَةٖ مِّنۡهُۚ إِنَّهُ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يُؤۡمِنُونَ
Mbega burya, uwemera Imana Allah, yofatwa co kimwe gute n’uwitwararika gusa ubuzima bw’isi n’ibihendamaso vyayo, mu gihe umwemeramana akora yisunze icemezo c’ukuri kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah, akanararikira abandi kwemera yisunze icemezo cahishuwe muri Qor’ani, maze nya cemezo kigaherekezwa n’ikindi cemezo[4] cerekana ko Qor’ani, iva ku Mana Allah, hakaba rero n’ikindi cemezo ca Tawurati yamanuriwe Musa imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, kugira ibere abayemeye uburongozi n’impuhwe! Abo bemera muri ubwo buryo rero, ni bo bemera koko Qor’ani bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. Uwugararije Qor’ani mu migwi yiyunze mu kurwaniriza hamwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), amenye ko isango ry’ibihano vyiwe ari mu muriro, ata gisivya. Ntumwa y’Imana! Ntukagire amakenga rero ko Qor’ani iva ku Mana Allah, uheze umenye ko idini ry’ubwislamu ari kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah, ariko rero abenshi mu bantu ntibemera ngo bubahirize ivyo bategetswe.
[4] Icemezo kivugwa ng’aha, ni umumalayika Jibrili canke Intumwa Muhamadi (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah).
Arabic explanations of the Qur’an:
 
Translation of the meanings Ayah: (17) Surah: Hūd
Surahs’ Index Page Number
 
Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية - Translations’ Index

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

close