Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Translations’ Index

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Translation of the meanings Surah: Yūsuf   Ayah:

SURATU YUUSUF

الٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ
Alif Laam Raa[1]. Izi ni Aayah z’Igitabu Qor’ani gitomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco.
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّآ أَنزَلۡنَٰهُ قُرۡءَٰنًا عَرَبِيّٗا لَّعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ
Mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twamanuye Qor’ani mu rurimi rw’icarabu kugira mutahure mubone kwubahiriza ibirimwo.
Arabic explanations of the Qur’an:
نَحۡنُ نَقُصُّ عَلَيۡكَ أَحۡسَنَ ٱلۡقَصَصِ بِمَآ أَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡكَ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ وَإِن كُنتَ مِن قَبۡلِهِۦ لَمِنَ ٱلۡغَٰفِلِينَ
Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah Tugucira agace ku vyabaye Tukabiguhishurira muri Qor’ani, nta n’ico wari ubiziko imbere yuko Tuguhishurira Tukabikwiganira.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِذۡ قَالَ يُوسُفُ لِأَبِيهِ يَٰٓأَبَتِ إِنِّي رَأَيۡتُ أَحَدَ عَشَرَ كَوۡكَبٗا وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَ رَأَيۡتُهُمۡ لِي سَٰجِدِينَ
Ntumwa y’Imana! Iganira abantu warungitsweko ijambo Yusufu yabwiye se ati: “Da! Ni ukuri, narose mbona inyenyeri cumi n’imwe, izuba hamwe n’ukwezi, narose mbona vyose binyubamira[2]”.
[2] Iyi ndoto, yabura inkuru nziza ku cubahiro n’iteka ridasanzwe Yusufu yahawe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ يَٰبُنَيَّ لَا تَقۡصُصۡ رُءۡيَاكَ عَلَىٰٓ إِخۡوَتِكَ فَيَكِيدُواْ لَكَ كَيۡدًاۖ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ لِلۡإِنسَٰنِ عَدُوّٞ مُّبِينٞ
Se yamwishuye ati: “Mwananje Yusufu! Iyi ndoto warose, ntuhirahire ngo uyiganire barumunawe kuko bohava bagusharika, maze bagakoresha urwenge mu kukurwanya, mu vy’ukuri shetani, ni umwansi agaragara kuri kiremwa-muntu;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَكَذَٰلِكَ يَجۡتَبِيكَ رَبُّكَ وَيُعَلِّمُكَ مِن تَأۡوِيلِ ٱلۡأَحَادِيثِ وَيُتِمُّ نِعۡمَتَهُۥ عَلَيۡكَ وَعَلَىٰٓ ءَالِ يَعۡقُوبَ كَمَآ أَتَمَّهَا عَلَىٰٓ أَبَوَيۡكَ مِن قَبۡلُ إِبۡرَٰهِيمَ وَإِسۡحَٰقَۚ إِنَّ رَبَّكَ عَلِيمٌ حَكِيمٞ
Ni nk’uko nyene rero Imana yawe Rurema Allah - Yakweretse iyo ndoto - Igutora Ikakwigisha kurotorera abantu indoto babona, Igaheza Ikagukwiriza inema yo guhabwa ubutumwa, wewe hamwe n’uruvyaro rwa Yakubu; nk’uko Yakwirije iyo nema yo guhabwa ubutumwa ba so, ari bo Ibrahimu na Is-haka. Mu vy’ukuri, Imana yawe Rurema Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora".
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ لَّقَدۡ كَانَ فِي يُوسُفَ وَإِخۡوَتِهِۦٓ ءَايَٰتٞ لِّلسَّآئِلِينَ
Ni ukuri, mu vyashikiye Yusufu na barumunawe, harimwo ivyemezo vyereka ababaza ku nkuru zabo, ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah;
Arabic explanations of the Qur’an:
إِذۡ قَالُواْ لَيُوسُفُ وَأَخُوهُ أَحَبُّ إِلَىٰٓ أَبِينَا مِنَّا وَنَحۡنُ عُصۡبَةٌ إِنَّ أَبَانَا لَفِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٍ
Igihe benewabo kuri se bavugana hagati yabo bati: “Ni ukuri, Yusufu na murumunawe[3] barakundwa cane na data kuturusha kandi ari twebwe turi benshi. Mu vy’ukuri, data agira ikosa rigaragara;
[3] Mwenewabo bavukana kuri se na nyina.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱقۡتُلُواْ يُوسُفَ أَوِ ٱطۡرَحُوهُ أَرۡضٗا يَخۡلُ لَكُمۡ وَجۡهُ أَبِيكُمۡ وَتَكُونُواْ مِنۢ بَعۡدِهِۦ قَوۡمٗا صَٰلِحِينَ
Kubera ivyo rero, enda nyabuna, nimwice Yusufu, canke mumute mu gahinga ka nyaganande, maze musigare mwihagiye urukundo rwa so wanyu. Mu nyuma y’aho rero, muzoheza mwigaye kuri ico caha, mube aberanda”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ قَآئِلٞ مِّنۡهُمۡ لَا تَقۡتُلُواْ يُوسُفَ وَأَلۡقُوهُ فِي غَيَٰبَتِ ٱلۡجُبِّ يَلۡتَقِطۡهُ بَعۡضُ ٱلسَّيَّارَةِ إِن كُنتُمۡ فَٰعِلِينَ
Umwe muri bo yavuze ati: “Ntimuhirahire ngo mwice Yusufu, mwopfuma mumuta mu kinogo kirekire, akazotorwa na bamwe mu barengana nimwaba mushaka koko kumwikiza”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ يَٰٓأَبَانَا مَا لَكَ لَا تَأۡمَ۬نَّا عَلَىٰ يُوسُفَ وَإِنَّا لَهُۥ لَنَٰصِحُونَ
Bamaze gupfundika uwo mugambi mubi, benewabo bavuze babwira se bati: “Da! Mbega ni kuki utatwizera kuri Yusufu, kandi twebwe mu vy’ukuri tumwumvira impuhwe, tukanamuhanura!;
Arabic explanations of the Qur’an:
أَرۡسِلۡهُ مَعَنَا غَدٗا يَرۡتَعۡ وَيَلۡعَبۡ وَإِنَّا لَهُۥ لَحَٰفِظُونَ
Ejo aho bukera, uramureka tujane kuragira, aryoherwe yongere akine, twebwe mu vy’ukuri tuzomucungera, nta kibi kizomushikira nk’uko uvyibaza!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ إِنِّي لَيَحۡزُنُنِيٓ أَن تَذۡهَبُواْ بِهِۦ وَأَخَافُ أَن يَأۡكُلَهُ ٱلذِّئۡبُ وَأَنتُمۡ عَنۡهُ غَٰفِلُونَ
Yakubu yababwiye ati: “Jewe mu vy’ukuri, notuntuzwa ku mutima n’uko mumujanye kuragira, ndanatinya ko imbwebwe yomurya mu gihe mwosamara!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ لَئِنۡ أَكَلَهُ ٱلذِّئۡبُ وَنَحۡنُ عُصۡبَةٌ إِنَّآ إِذٗا لَّخَٰسِرُونَ
Ni ho rero bamubwira bati: “Mu gihe yoribwa n’imbwebwe kandi na twe turi benshi dushoboye kumukingira, ni ukuri nta co twoba tumaze”;
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّا ذَهَبُواْ بِهِۦ وَأَجۡمَعُوٓاْ أَن يَجۡعَلُوهُ فِي غَيَٰبَتِ ٱلۡجُبِّۚ وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡهِ لَتُنَبِّئَنَّهُم بِأَمۡرِهِمۡ هَٰذَا وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ
Yakubu yahavuye amurekura baraheza barajana. Ni ho rero bagenda bamujanye, baca bumvikana ko bamuterera mu kinogo kirekire. Twaranahishuriye Yusufu rero Duti: “Ni ukuri, umusi umwe uzobabwira ivyo bagukoreye, igihe bazoba batakivyibuka”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَجَآءُوٓ أَبَاهُمۡ عِشَآءٗ يَبۡكُونَ
Bumaze kugoroba, ni ho baza kwa se biyuha iryosozi;
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ يَٰٓأَبَانَآ إِنَّا ذَهَبۡنَا نَسۡتَبِقُ وَتَرَكۡنَا يُوسُفَ عِندَ مَتَٰعِنَا فَأَكَلَهُ ٱلذِّئۡبُۖ وَمَآ أَنتَ بِمُؤۡمِنٖ لَّنَا وَلَوۡ كُنَّا صَٰدِقِينَ
Bati: “Da! Mu vy’ukuri, twagiye gusiganwa turasa n’imyampi, maze dusiga Yusufu aho twashize ibikoresho vyacu, mu kanya isase imbwebwe ica iramurya, kandi wewe ntushobora kutwemera mu vyo tuvuga n’aho twoba turi imvugakuri”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَجَآءُو عَلَىٰ قَمِيصِهِۦ بِدَمٖ كَذِبٖۚ قَالَ بَلۡ سَوَّلَتۡ لَكُمۡ أَنفُسُكُمۡ أَمۡرٗاۖ فَصَبۡرٞ جَمِيلٞۖ وَٱللَّهُ ٱلۡمُسۡتَعَانُ عَلَىٰ مَا تَصِفُونَ
Baje bafise ikanzu yiwe, iriko n’amaraso y’ikinyoma, kuko nya kanzu ata ho yari yigeze inatabuka. Yakubu yabishuye ati: “Ihibambewe! Si nk’uko mubivuga, ahubwo umutima-nama wanyu wabaryohereje gukorera ikibi Yusufu. Kubera ivyo rero, mbandanya nihangana kuko ata we ndiko ndaganyira mu biremwa ku vyabaye, nifashishije Imana Allah mu kwihanganira ivyo muvuze”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَجَآءَتۡ سَيَّارَةٞ فَأَرۡسَلُواْ وَارِدَهُمۡ فَأَدۡلَىٰ دَلۡوَهُۥۖ قَالَ يَٰبُشۡرَىٰ هَٰذَا غُلَٰمٞۚ وَأَسَرُّوهُ بِضَٰعَةٗۚ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِمَا يَعۡمَلُونَ
Hahavuye rero haza abantu barengana, maze barungika umuntu umwe muri bo ngo aje kuvoma. Nya muntu araheza aterera indobo mu kinogo kirekire c’iriba, Yusufu aca arayifata arayenenako, wa muntu agize ngo aramubona, aca avuga n’akanyamuneza n’akantu ati: “Ehe yemwe ikibondo kiri hano!”. Inkuru y’itorwa rya Yusufu, abari kumwe n’uwo muntu ku rugendo bayigize nk’akamizwe n’ingoma, bati: “Uyu ni ikidandazwa twibangikanije!”. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo bakora kuri Yusufu.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَشَرَوۡهُ بِثَمَنِۭ بَخۡسٖ دَرَٰهِمَ مَعۡدُودَةٖ وَكَانُواْ فِيهِ مِنَ ٱلزَّٰهِدِينَ
Benewabo rero, bamaze kubona ko Yusufu akuwe muri nya kinogo, baraheza baramugurisha ku barengana bamutoye, maze agurwa ku giciro giciriritse c’amadirhamu make, ivyo vyose bakabigira kugira ngo abaveko ku kutamenya icubahiro ciwe ku Mana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ ٱلَّذِي ٱشۡتَرَىٰهُ مِن مِّصۡرَ لِٱمۡرَأَتِهِۦٓ أَكۡرِمِي مَثۡوَىٰهُ عَسَىٰٓ أَن يَنفَعَنَآ أَوۡ نَتَّخِذَهُۥ وَلَدٗاۚ وَكَذَٰلِكَ مَكَّنَّا لِيُوسُفَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلِنُعَلِّمَهُۥ مِن تَأۡوِيلِ ٱلۡأَحَادِيثِۚ وَٱللَّهُ غَالِبٌ عَلَىٰٓ أَمۡرِهِۦ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Bamaze kumushikana muri Misiri, yaguzwe n’umushikirangoma wa Misiri, maze aca abwira umugore wiwe ati: “Mwakire neza umurere, hari n’aho yogira ico atumariye, canke tukamugira umwana wacu”. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twarokoye Yusufu, Tukamushira mu muryango w’umutware wa Misiri akamwitaho - Twahavuye Dutsimbataza Yusufu ku ntwaro muri Misiri Tumugira umunyabigega, Tunamwigisha kurotora indoto kugira ashobore gutegekanya kazoza keza. Burya Imana Allah, ni Yo Iganza muri vyose, ariko abenshi mu bantu nta vyo bazi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَمَّا بَلَغَ أَشُدَّهُۥٓ ءَاتَيۡنَٰهُ حُكۡمٗا وَعِلۡمٗاۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Yusufu rero amaze kugera mu bigero, Twaramuhaye gutomora ingingo, Tumwigisha n’ubumenyi. Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Twahemvye Yusufu, Duhemba abagwaneza[4].
[4] Iyi Aayah iraremesha Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abagwaneza bose.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَرَٰوَدَتۡهُ ٱلَّتِي هُوَ فِي بَيۡتِهَا عَن نَّفۡسِهِۦ وَغَلَّقَتِ ٱلۡأَبۡوَٰبَ وَقَالَتۡ هَيۡتَ لَكَۚ قَالَ مَعَاذَ ٱللَّهِۖ إِنَّهُۥ رَبِّيٓ أَحۡسَنَ مَثۡوَايَۖ إِنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلظَّٰلِمُونَ
Umugore w’umushikirangoma yarahamagaye Yusufu mu bwitonzi nta ngere amwinginga, maze arahanjagira imiryango, aca amubwira ati: “Ingo ndakwihaye!”; Yusufu na we amwishura ati: “Ndikinze ku Mana Allah, Inkingire gukora ivyo wipfuza, ni ukuri umutware wanje yanteye iteka ryo kuba ng’aha, sinomuhemukira, burya abirenganya mu gukora ivyo batarekuriwe, ntibaroranirwa mu buzima”;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَقَدۡ هَمَّتۡ بِهِۦۖ وَهَمَّ بِهَا لَوۡلَآ أَن رَّءَا بُرۡهَٰنَ رَبِّهِۦۚ كَذَٰلِكَ لِنَصۡرِفَ عَنۡهُ ٱلسُّوٓءَ وَٱلۡفَحۡشَآءَۚ إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Ni ukuri, nya mugore yari yamwihaye koko, Yusufu na we nyene agatima karakubise, maze aca ahakurwa n’inkebuzo y’Imana yiwe Rurema Allah imutururuza. Ni ukwo rero Twamweretse iyo nkebuzo, kugira Twamirire kure ikibi n’ingeso mbi mu buzima bwiwe bwose, mu vy’ukuri Yusufu ari mu baja bacu bejejwe, bakora ivyo bakora ku bwacu.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱسۡتَبَقَا ٱلۡبَابَ وَقَدَّتۡ قَمِيصَهُۥ مِن دُبُرٖ وَأَلۡفَيَا سَيِّدَهَا لَدَا ٱلۡبَابِۚ قَالَتۡ مَا جَزَآءُ مَنۡ أَرَادَ بِأَهۡلِكَ سُوٓءًا إِلَّآ أَن يُسۡجَنَ أَوۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ
Ni ho rero Yusufu yatanguranwa na nya mugore ku muryango kugira asohoke, wa mugore agize ngo aramukwega, ikanzu yiwe ica itabuka mu mugongo, wa mugore aho nyene aca atubiranira n’umugabo wiwe ku muryango, aca aramwitanga arinamura n’ishavu n’akantu ati: “Umuntu ashaka kukurengera ibigo, akwiye ikihe gihano, atari ukuja mw’ibohero, canke agahabwa igihano kibabaza!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ هِيَ رَٰوَدَتۡنِي عَن نَّفۡسِيۚ وَشَهِدَ شَاهِدٞ مِّنۡ أَهۡلِهَآ إِن كَانَ قَمِيصُهُۥ قُدَّ مِن قُبُلٖ فَصَدَقَتۡ وَهُوَ مِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ
Yusufu araheza ariregura ati: “Nyabuna, ni we yanyinginze, aranyipfuza”. Ni ho rero hatura umwana akiri uruyoya yari arerewe mu muryango wa nya mugore, maze abera icabona Yusufu, avuga ati: “Nimurabe ikanzu ya Yusufu, niyaba yatabutse ku gikiriza, uyo mugore azoba yavuze ukuri ku vyo yagiriza Yusufu; Yusufu na we muri ico gihe, azoba ari mu babeshi;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِن كَانَ قَمِيصُهُۥ قُدَّ مِن دُبُرٖ فَكَذَبَتۡ وَهُوَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ
Hamwe naho ikanzu ya Yusufu yoba yatabutse mu mugongo, uyo mugore azoba yabesheye Yusufu; Yusufu na we muri ico gihe, azoba ari mu mvugakuri”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّا رَءَا قَمِيصَهُۥ قُدَّ مِن دُبُرٖ قَالَ إِنَّهُۥ مِن كَيۡدِكُنَّۖ إِنَّ كَيۡدَكُنَّ عَظِيمٞ
Umugabo wa wa mugore, amaze kubona ko ikanzu ya Yusufu yatabutse mu mugongo, yaciye amenya ko Yusufu ata kimwagira, maze aca abwira umugore wiwe ati: “Icabaye, ni uko washatse kumutega umutego, mu vy’ukuri mwebwe abagore imitego yanyu irahambaye”.
Arabic explanations of the Qur’an:
يُوسُفُ أَعۡرِضۡ عَنۡ هَٰذَاۚ وَٱسۡتَغۡفِرِي لِذَنۢبِكِۖ إِنَّكِ كُنتِ مِنَ ٱلۡخَاطِـِٔينَ
Yaciye ahindukira abwira Yusufu ati: “Yusu! Irengagize ivyabaye umbikire akabanga, ntihagire n’umwe uzovyiganira”. Aca agaruka kuri nya mugore amuhanura ati: “Saba ikigongwe ku caha cawe, mu vy’ukuri uri mu bantu bakosheje mu kwambika ibara Yusufu”.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَقَالَ نِسۡوَةٞ فِي ٱلۡمَدِينَةِ ٱمۡرَأَتُ ٱلۡعَزِيزِ تُرَٰوِدُ فَتَىٰهَا عَن نَّفۡسِهِۦۖ قَدۡ شَغَفَهَا حُبًّاۖ إِنَّا لَنَرَىٰهَا فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ
Iyo nkuru y’ukwambikwa ibara Yusufu yarakwiragiye hose, maze abagore bo mu gisagara bavuga banebagura nya mugore bati: “Umugore w’umutware wa Misiri koko, akipfuza umuyabaga wiwe! Emwee! Yari yamaze kurengerwa n’urukundo pe! Ni ukuri, twebwe tubona ko uyo mugore yakosheje ikosa rigaragara”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّا سَمِعَتۡ بِمَكۡرِهِنَّ أَرۡسَلَتۡ إِلَيۡهِنَّ وَأَعۡتَدَتۡ لَهُنَّ مُتَّكَـٔٗا وَءَاتَتۡ كُلَّ وَٰحِدَةٖ مِّنۡهُنَّ سِكِّينٗا وَقَالَتِ ٱخۡرُجۡ عَلَيۡهِنَّۖ فَلَمَّا رَأَيۡنَهُۥٓ أَكۡبَرۡنَهُۥ وَقَطَّعۡنَ أَيۡدِيَهُنَّ وَقُلۡنَ حَٰشَ لِلَّهِ مَا هَٰذَا بَشَرًا إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا مَلَكٞ كَرِيمٞ
Umugore w’umutware wa Misiri, amaze kwumva ukuntu ariko yandagazwa n’abagore bo mu gisagara, yahavuye abatumira iwe, abakirira ahari ubwugamo bubereye, abategurira n’imfungurwa, araheza aha imbugita umwe wese muri bo ngo bamufashe guhwata ivyo bakinjika. Ni ho rero yabwira Yusufu ati: “Sohoka”. Ba bagore bagize ngo bakubise ijisho Yusufu, bose baguye mu gahundwe ku kuntu yasa n’irirenga, batangura kwikomeretsa ku maboko batumva, baca bavuga batangara bati: “Emwegayee! Ubwiza burama! Ese ubwiza yahawe n’Imana Allah! Eka uyu muntu ntakomoka mu bwoko bw’abantu! Uyu muntu ku bwiza afise, ntashobora kuba kiretse ko ari intore y’umumalayika!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَتۡ فَذَٰلِكُنَّ ٱلَّذِي لُمۡتُنَّنِي فِيهِۖ وَلَقَدۡ رَٰوَدتُّهُۥ عَن نَّفۡسِهِۦ فَٱسۡتَعۡصَمَۖ وَلَئِن لَّمۡ يَفۡعَلۡ مَآ ءَامُرُهُۥ لَيُسۡجَنَنَّ وَلَيَكُونٗا مِّنَ ٱلصَّٰغِرِينَ
Wa mugore w’umutware wa Misiri, amaze kubona ibishikiye ba bagore yatumira, yababwiye yiyeza ati: “Ivyo bibashikiye inyuma y’aho muboneye ubwiza bwa Yusufu, ni vyo nanje vyanshikiye, muntako imiragwe muranyandagaza. Ni ukuri, naragerageje kumwiha ndanamwinginga, ariko yaranyankiye. Hamwe n’ivyo rero, sindashirwa, ni ukuri natankorera ivyo ndamwipfuzako, ategerezwa gushirwa mw’ibohero, kandi ni ukuri azoba mu bantu basuzuguritse”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ رَبِّ ٱلسِّجۡنُ أَحَبُّ إِلَيَّ مِمَّا يَدۡعُونَنِيٓ إِلَيۡهِۖ وَإِلَّا تَصۡرِفۡ عَنِّي كَيۡدَهُنَّ أَصۡبُ إِلَيۡهِنَّ وَأَكُن مِّنَ ٱلۡجَٰهِلِينَ
Yusufu amaze kubona ko umugore w’umutware wa Misiri adahesha, yaratakamvye ati: “Mana yanje Rurema Allah! Notuma nshirwa mw’ibohero ha gukora ivyo banyipfuzako. Nutanshira kure y’imitego yabo, agatima karashobora gukubita nkaba mu bantu b’inshirasoni”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَٱسۡتَجَابَ لَهُۥ رَبُّهُۥ فَصَرَفَ عَنۡهُ كَيۡدَهُنَّۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Imana Rurema Allah Yashotse Yumvira Yusufu, Imukurako imitego yabo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa n'ibiremwa n’ivyo bizirikana.
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ بَدَا لَهُم مِّنۢ بَعۡدِ مَا رَأَوُاْ ٱلۡأٓيَٰتِ لَيَسۡجُنُنَّهُۥ حَتَّىٰ حِينٖ
Mu nyuma y’aho abatware ba Misiri baboneye ivyemezo vy’uko Yusufu ata na kimwe kimwagira, bafashe ingingo yuko ashirwa mw’ibohero ikiringo kanaka, ku kwanka gukoza ibara umuryango w’umushikirangoma wa Misiri;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَدَخَلَ مَعَهُ ٱلسِّجۡنَ فَتَيَانِۖ قَالَ أَحَدُهُمَآ إِنِّيٓ أَرَىٰنِيٓ أَعۡصِرُ خَمۡرٗاۖ وَقَالَ ٱلۡأٓخَرُ إِنِّيٓ أَرَىٰنِيٓ أَحۡمِلُ فَوۡقَ رَأۡسِي خُبۡزٗا تَأۡكُلُ ٱلطَّيۡرُ مِنۡهُۖ نَبِّئۡنَا بِتَأۡوِيلِهِۦٓۖ إِنَّا نَرَىٰكَ مِنَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Yusufu rero yahavuye ashirwa mw’ibohero ari kumwe n’iyindi misore ibiri. Umwe muri nya misore avuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona ndiko ndagana inzoga y’imizabibu”. Uwundi na we ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona nikoreye imikate, inyoni ziriko zirarya kuri nya mikate”. Ya misore imaze kwigana, yaciye ibwira Yusufu iti: “Turotorere rero indoto zacu! Mu vy’ukuri, tubona ko wewe uri mu bagwaneza”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ لَا يَأۡتِيكُمَا طَعَامٞ تُرۡزَقَانِهِۦٓ إِلَّا نَبَّأۡتُكُمَا بِتَأۡوِيلِهِۦ قَبۡلَ أَن يَأۡتِيَكُمَاۚ ذَٰلِكُمَا مِمَّا عَلَّمَنِي رَبِّيٓۚ إِنِّي تَرَكۡتُ مِلَّةَ قَوۡمٖ لَّا يُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَهُم بِٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ كَٰفِرُونَ
Ni ho Yusufu yishura nya misore ati: “Nta kibabeshaho muzoronka, kiretse ko nshobora kubabwira ico ari co imbere yuko kibashikira. Ukurotora rero kuri mu vyo nigishijwe n’Imana yanje Rurema Allah, jewe mu vy’ukuri nemera Imana Imwe Rudende Allah, naravavanuye n’idini ry’abatayemera, bakanahakana bivuye inyuma izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱتَّبَعۡتُ مِلَّةَ ءَابَآءِيٓ إِبۡرَٰهِيمَ وَإِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَۚ مَا كَانَ لَنَآ أَن نُّشۡرِكَ بِٱللَّهِ مِن شَيۡءٖۚ ذَٰلِكَ مِن فَضۡلِ ٱللَّهِ عَلَيۡنَا وَعَلَى ٱلنَّاسِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَشۡكُرُونَ
Nakurikiye idini ry’abavyeyi banje: Ibrahimu, Is-haka na Yakubu. Nta ho vyakabaye ko tubangikanya Imana Allah n’ikintu na kimwe mu biremwa. Ukwo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni mu ngabirano zayo kuri twebwe no ku bantu bose, ariko abenshi mu bantu ntibashima inema yo gushobozwa gusenga Imana Imwe Rudende Allah;
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰصَٰحِبَيِ ٱلسِّجۡنِ ءَأَرۡبَابٞ مُّتَفَرِّقُونَ خَيۡرٌ أَمِ ٱللَّهُ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّارُ
Bagenzanje dupfunganwe! Mbega burya gusenga imana zitandukanye zaremwe, ni vyo vyiza gusumba gusenga Imana Allah, Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere!
Arabic explanations of the Qur’an:
مَا تَعۡبُدُونَ مِن دُونِهِۦٓ إِلَّآ أَسۡمَآءٗ سَمَّيۡتُمُوهَآ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُم مَّآ أَنزَلَ ٱللَّهُ بِهَا مِن سُلۡطَٰنٍۚ إِنِ ٱلۡحُكۡمُ إِلَّا لِلَّهِ أَمَرَ أَلَّا تَعۡبُدُوٓاْ إِلَّآ إِيَّاهُۚ ذَٰلِكَ ٱلدِّينُ ٱلۡقَيِّمُ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Ntimwiyegereza mu vyo mukora vyose mu gusenga mu gishingo c’Imana Allah, kiretse amazina y’ibintu mwafashe mukayita imana, mwebwe hamwe na ba so. Imana Allah ntiyigeze Imanura icemezo c’uko mwobisenga; nta ngingo y’ukuri yokwubahwa kiretse ingingo y’Imana Allah, Yategetse ko mutosenga izindi mana atari Yo Yonyene gusa mukwiye gusenga mutayibangikanya. Iryo rero, ni ryo dini rigororotse, ariko rero abenshi mu bantu ntibazi ukwo kuri;
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰصَٰحِبَيِ ٱلسِّجۡنِ أَمَّآ أَحَدُكُمَا فَيَسۡقِي رَبَّهُۥ خَمۡرٗاۖ وَأَمَّا ٱلۡأٓخَرُ فَيُصۡلَبُ فَتَأۡكُلُ ٱلطَّيۡرُ مِن رَّأۡسِهِۦۚ قُضِيَ ٱلۡأَمۡرُ ٱلَّذِي فِيهِ تَسۡتَفۡتِيَانِ
Bagenzanje dupfunganwe! Reka rero ndabarotorere indoto zanyu. Uwarose abona ariko aragana inzoga y’imizabibu, uyo azoteba ave mw’ibohero, aje kuba umusuku ku mwami. Nayo uwarose abona yikoreye imikate, inyoni ziriko zirarya kuri nya mikate, uyo azohava yicwa abambwe, maze inyoni zimurye ku mutwe. Insiguro y’ishirwa mu ngiro ku vyo mwambajije rero, ni iyo”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ لِلَّذِي ظَنَّ أَنَّهُۥ نَاجٖ مِّنۡهُمَا ٱذۡكُرۡنِي عِندَ رَبِّكَ فَأَنسَىٰهُ ٱلشَّيۡطَٰنُ ذِكۡرَ رَبِّهِۦ فَلَبِثَ فِي ٱلسِّجۡنِ بِضۡعَ سِنِينَ
Yusufu yaciye abwira uwo yarotoreye muri bo ko azorusimba ati: “Niwaramuka ugiye ku kirimba, urabwira sobuja ko narenganijwe”. Shetani yaribagije wa musore kuvugira Yusufu, Yusufu araheza amara imyaka itari mike mw’ibohero.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ ٱلۡمَلِكُ إِنِّيٓ أَرَىٰ سَبۡعَ بَقَرَٰتٖ سِمَانٖ يَأۡكُلُهُنَّ سَبۡعٌ عِجَافٞ وَسَبۡعَ سُنۢبُلَٰتٍ خُضۡرٖ وَأُخَرَ يَابِسَٰتٖۖ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَأُ أَفۡتُونِي فِي رُءۡيَٰيَ إِن كُنتُمۡ لِلرُّءۡيَا تَعۡبُرُونَ
Haciye imyaka, umwami yavuze ati: “Jewe mu vy’ukuri, narose mbona inka indwi zinuze, ziriko ziraribwa n’izindi nka indwi zinamvye. Mbona n’amashami indwi atotahaye hamwe n’ayandi mashami indwi yumaganye. Bunganizi banje! Nimundotorere iyi ndoto nimwaba muzi koko kurotora!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُوٓاْ أَضۡغَٰثُ أَحۡلَٰمٖۖ وَمَا نَحۡنُ بِتَأۡوِيلِ ٱلۡأَحۡلَٰمِ بِعَٰلِمِينَ
Bamwishuye bati: “Indoto yawe, ni nko kurazirana, nta nsiguro ifise, kandi burya twebwe ntituzi cane kurotora indoto”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ ٱلَّذِي نَجَا مِنۡهُمَا وَٱدَّكَرَ بَعۡدَ أُمَّةٍ أَنَا۠ أُنَبِّئُكُم بِتَأۡوِيلِهِۦ فَأَرۡسِلُونِ
Wa muntu yarusimba, ni ho yibuka inyuma y’imyaka itari mike ivyo basezeranye na Yusufu, aca avuga ati: “Jewe ndashobora kubarotorera iyi ndoto, nimundungike kwa Yusufu mw’ibohero”.
Arabic explanations of the Qur’an:
يُوسُفُ أَيُّهَا ٱلصِّدِّيقُ أَفۡتِنَا فِي سَبۡعِ بَقَرَٰتٖ سِمَانٖ يَأۡكُلُهُنَّ سَبۡعٌ عِجَافٞ وَسَبۡعِ سُنۢبُلَٰتٍ خُضۡرٖ وَأُخَرَ يَابِسَٰتٖ لَّعَلِّيٓ أَرۡجِعُ إِلَى ٱلنَّاسِ لَعَلَّهُمۡ يَعۡلَمُونَ
Agezeyo, ni ho yavuga ati: “Yusufu, ewe mvugakuri! Turotorere indoto y’umuntu yarose abona inka indwi zinuze, ziriko ziraribwa n’izindi nka indwi zinamvye; abona n’amashami indwi atotahaye, hamwe n’ayandi mashami indwi yumaganye. Ngira ngo mpava nsubira ku mwami n’abunganizi biwe ndabashiriye insiguro itomoye kuri iyi ndoto, kugira bamenye ubutore n’icubahiro vyawe”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ تَزۡرَعُونَ سَبۡعَ سِنِينَ دَأَبٗا فَمَا حَصَدتُّمۡ فَذَرُوهُ فِي سُنۢبُلِهِۦٓ إِلَّا قَلِيلٗا مِّمَّا تَأۡكُلُونَ
Yusufu yarayimurotoreye ati: “Muzorima imyaka indwi ikurikirana musarura umwimbu ushemeye. Ivyo muzosarura ku mwaka ku mwaka rero, murabiziganiriza kazoza, muheze muvyanikire mubigumize mu bishishwa vyavyo, kiretse bike mushobora gufungura;
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ يَأۡتِي مِنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَ سَبۡعٞ شِدَادٞ يَأۡكُلۡنَ مَا قَدَّمۡتُمۡ لَهُنَّ إِلَّا قَلِيلٗا مِّمَّا تُحۡصِنُونَ
Mu nyuma rero, hazokurikira imyaka indwi y’amapfa, ico gihe muzokwikora ku mwimbu mwabitse muri ya myaka indwi ya mbere, kiretse imbuto nke muzobikira iteragira ry’agatasi;
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ يَأۡتِي مِنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَ عَامٞ فِيهِ يُغَاثُ ٱلنَّاسُ وَفِيهِ يَعۡصِرُونَ
Inyuma y’iyo myaka y’amapfa rero, hazokurikira umwaka abantu bazoronswa imvura, basubire barime bimbura, baronke n’umusesekara w’ivyamwa, bavyengemwo umutobe”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ ٱلۡمَلِكُ ٱئۡتُونِي بِهِۦۖ فَلَمَّا جَآءَهُ ٱلرَّسُولُ قَالَ ٱرۡجِعۡ إِلَىٰ رَبِّكَ فَسۡـَٔلۡهُ مَا بَالُ ٱلنِّسۡوَةِ ٱلَّٰتِي قَطَّعۡنَ أَيۡدِيَهُنَّۚ إِنَّ رَبِّي بِكَيۡدِهِنَّ عَلِيمٞ
Umwami amaze kwumva insiguro y’indoto yiwe, yavuze ati: “Nimunzanire uyo muntu yashoboye kundotorera indoto”. Intumwa yarungitswe gukura Yusufu mw’ibohero ngo imuzane, Yusufu yayibwiye ati: “Subira ku mutware wawe, uheze umusabe ko abaza ukuri ku vyerekeye abagore bikomerekeje ku maboko, gutyo ukuri kumenyekane nanje nambikwe izera; mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Irazi neza imitego yabo banteze”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ مَا خَطۡبُكُنَّ إِذۡ رَٰوَدتُّنَّ يُوسُفَ عَن نَّفۡسِهِۦۚ قُلۡنَ حَٰشَ لِلَّهِ مَا عَلِمۡنَا عَلَيۡهِ مِن سُوٓءٖۚ قَالَتِ ٱمۡرَأَتُ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡـَٰٔنَ حَصۡحَصَ ٱلۡحَقُّ أَنَا۠ رَٰوَدتُّهُۥ عَن نَّفۡسِهِۦ وَإِنَّهُۥ لَمِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ
Umwami yahavuye arengutsa nya bagore, ababaza ati: “Mwashaka gushika kuki, igihe mwipfuza Yusufu, hari ingeso mbi mwari mumuziko?”. Ba bagore bishuye bati: “Ihibambewe! Nta ngeso mbi twigeze tumumenyako”. Ni ho rero wa mugore w’umushikirangoma yatura ati: “Ubu ukuri kwamaze kugaragara nta co ncera, ni jewe namwipfuje ndanamwinginga aranyankira pe! Kandi ni ukuri Yusufu, ivyo yavuze vyose ari mu mvugakuri;
Arabic explanations of the Qur’an:
ذَٰلِكَ لِيَعۡلَمَ أَنِّي لَمۡ أَخُنۡهُ بِٱلۡغَيۡبِ وَأَنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي كَيۡدَ ٱلۡخَآئِنِينَ
Iri jambo, ndarivuze nemanga ivyabaye, kugira ngo umugabo wanje amenye ko ntigeze ndamuhemukira mu kumubesha ko Yusufu ari we yanyipfuje, kira noneho ntiyankundiye ko ndamwiha; yongere amenye kandi ko Imana Allah Idashoboza abahemu gushika ku co bipfuza;
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَمَآ أُبَرِّئُ نَفۡسِيٓۚ إِنَّ ٱلنَّفۡسَ لَأَمَّارَةُۢ بِٱلسُّوٓءِ إِلَّا مَا رَحِمَ رَبِّيٓۚ إِنَّ رَبِّي غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Sindiko ndiyeza, mu vy’ukuri umushaha w’umuntu, wama umwosha kenshi na kenshi gukora ikibi, ukamuryohereza kugikora, kiretse uwagiriwe impuhwe n’Imana Allah Ikamukingira. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ ٱلۡمَلِكُ ٱئۡتُونِي بِهِۦٓ أَسۡتَخۡلِصۡهُ لِنَفۡسِيۖ فَلَمَّا كَلَّمَهُۥ قَالَ إِنَّكَ ٱلۡيَوۡمَ لَدَيۡنَا مَكِينٌ أَمِينٞ
Umwami wa Misiri amaze kuronka inkuru y’imvaho, yaciye avuga ati: “Nimunzanire Yusufu ndamwiyegereze, abe mu bahanuzi banje”. Yusufu amaze kuza, umwami akamwiganira ko yarenganuwe kuko ari umwizigirwa, arangwa n’ingeso nziza, yaciye amubwira ati: “Wewe rero guhera uno musi, uri umunyacubahiro ku kirimba, uri n’umwizigirwa muri vyose”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ ٱجۡعَلۡنِي عَلَىٰ خَزَآئِنِ ٱلۡأَرۡضِۖ إِنِّي حَفِيظٌ عَلِيمٞ
Yusufu araheza abwira umwami ati: “Ngena rero kuba umunyabigega ajejwe guhagararira umwimbu w’igihugu ca Misiri, jewe mu vy’ukuri, ndi umwizigirwa kuri vyose, ndashoboye gucungera neza umwimbu, ndafise n’ubumenyi bukwiye ku vyerekeye itunganya ry’ubutunzi”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَكَذَٰلِكَ مَكَّنَّا لِيُوسُفَ فِي ٱلۡأَرۡضِ يَتَبَوَّأُ مِنۡهَا حَيۡثُ يَشَآءُۚ نُصِيبُ بِرَحۡمَتِنَا مَن نَّشَآءُۖ وَلَا نُضِيعُ أَجۡرَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah - Twakuye Yusufu mw’ibohero - Twamutsimbataje ku butegetsi agashika aho hose ashatse mu gihugu ca Misiri. Burya rero, Duhereza impuhwe zacu uwo Dushatse mu biremwa vyicisha bugufi bikagamburukira Imana Allah, eka ntitunatakaza na kimwe mu ndishi z’abagwaneza;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَأَجۡرُ ٱلۡأٓخِرَةِ خَيۡرٞ لِّلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَكَانُواْ يَتَّقُونَ
Kandi ni ukuri, impembo yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni yo nziza gusumba iyo mu buzima bwo kw’isi ku bemeramana batinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَجَآءَ إِخۡوَةُ يُوسُفَ فَدَخَلُواْ عَلَيۡهِ فَعَرَفَهُمۡ وَهُمۡ لَهُۥ مُنكِرُونَ
Haciye imyaka itari mike rero, ni ho benewabo na Yusufu bashengera muri Misiri bomowe n’amapfa yabateye, maze binjira kwa Yusufu, na we aca arabamenya ariko bobo ntibamumenya bivanye n’igihe kitari gito cari giheze;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَمَّا جَهَّزَهُم بِجَهَازِهِمۡ قَالَ ٱئۡتُونِي بِأَخٖ لَّكُم مِّنۡ أَبِيكُمۡۚ أَلَا تَرَوۡنَ أَنِّيٓ أُوفِي ٱلۡكَيۡلَ وَأَنَا۠ خَيۡرُ ٱلۡمُنزِلِينَ
Yaciye ategeka ko babakira, bakabazimana. Amaze kubatekerera imfungurwa bipfuza, bakaba bari bamwiganiye ko bafise mwenewabo kuri se[5] batashoboye kuzanana, yaciye ababwira ati: “Nimwaramuka mugarutse rero, murazanana na mwenewanyu kuri so, ntimwabonye ko nabatekereye nkabagerera neza, n’uko nabakiriye nkanabazimana neza?
[5] Ni uwo bavukana kwa se, akaba ari we mutoya wa Yusufu basangiye se na nyina, yitwa Biniyamini.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِن لَّمۡ تَأۡتُونِي بِهِۦ فَلَا كَيۡلَ لَكُمۡ عِندِي وَلَا تَقۡرَبُونِ
Nimutazanana n’uyo mwenewanyu kuri so rero, nta co nzobagerera ngo ndanabatekerere, eka ntimuzonatumbere aho ndi”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ سَنُرَٰوِدُ عَنۡهُ أَبَاهُ وَإِنَّا لَفَٰعِلُونَ
Bishuye bati: “Tuzogerageza kwinginga se wiwe turabe ko yomuturungikana, kandi ni ukuri tuzobikora”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ لِفِتۡيَٰنِهِ ٱجۡعَلُواْ بِضَٰعَتَهُمۡ فِي رِحَالِهِمۡ لَعَلَّهُمۡ يَعۡرِفُونَهَآ إِذَا ٱنقَلَبُوٓاْ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِمۡ لَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ
Yusufu yari yabwiye abakozi biwe ko mu gutekera, boshira mu mfungurwa babatekereye ikiguzi cazo, kugira ngo nibashika iwabo bakabona nya kiguzi, kizotume bagaruka.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّا رَجَعُوٓاْ إِلَىٰٓ أَبِيهِمۡ قَالُواْ يَٰٓأَبَانَا مُنِعَ مِنَّا ٱلۡكَيۡلُ فَأَرۡسِلۡ مَعَنَآ أَخَانَا نَكۡتَلۡ وَإِنَّا لَهُۥ لَحَٰفِظُونَ
Bamaze gushika kwa se wabo, baramwiganiye ido n’ido uko vyabagendeye, baraheza bamubwira bati: “Dawe wacu! Ariko rero, umutware ngo ntazosubira kudutekerera nitwaramuka dusubiyeyo tutajanye na murumuna wacu Biniyamini. Kubera ivyo rero, uramuturungikana, gutyo batugerere imfungurwa zikwiye, hanyuma na twe mu vy’ukuri, turiyemeje kuzomucungera”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ هَلۡ ءَامَنُكُمۡ عَلَيۡهِ إِلَّا كَمَآ أَمِنتُكُمۡ عَلَىٰٓ أَخِيهِ مِن قَبۡلُ فَٱللَّهُ خَيۡرٌ حَٰفِظٗاۖ وَهُوَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ
Se wabo abishura ati: “Nobizera gute ko mwocungera Biniyamini, mu gihe nigeze kubizera kuri mwenewabo Yusufu mukanyemeza ko muzomucungera, hanyuma ntimwabikora! Mwebwe rero sindabizeye namba, ariko ndizeye Imana Allah ko Imucungera kuko ni Yo Mwiza w’ababungabunzi, ni na Yo Nyenimpuhwe kuruta abanyampuhwe bose”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَمَّا فَتَحُواْ مَتَٰعَهُمۡ وَجَدُواْ بِضَٰعَتَهُمۡ رُدَّتۡ إِلَيۡهِمۡۖ قَالُواْ يَٰٓأَبَانَا مَا نَبۡغِيۖ هَٰذِهِۦ بِضَٰعَتُنَا رُدَّتۡ إِلَيۡنَاۖ وَنَمِيرُ أَهۡلَنَا وَنَحۡفَظُ أَخَانَا وَنَزۡدَادُ كَيۡلَ بَعِيرٖۖ ذَٰلِكَ كَيۡلٞ يَسِيرٞ
Bamaze gutekurura ivyo babatekereye, basanze basubijwe n’ikiguzi c’ivyo batekerewe, baca bavuga n’akamwemwe kenshi bati: “Dawe wacu! Hari ikindi dushaka coza kiruta iki! Ehe ng’iki n’ikiguzi c’ivyo badutekereye bakidusubije! Enda nyabuna muturungikane rero, tuje gusumira umuryango ibikwiye, hanyuma ducungere na murumuna wacu, gutyo na we nyene azogaruke afise igitwazi cikoreye imfungurwa ciyongereyeko, kuko nta wugererwa ibirenze igitwazi kimwe. Kumugerera na we ni bito cane ku mwami”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ لَنۡ أُرۡسِلَهُۥ مَعَكُمۡ حَتَّىٰ تُؤۡتُونِ مَوۡثِقٗا مِّنَ ٱللَّهِ لَتَأۡتُنَّنِي بِهِۦٓ إِلَّآ أَن يُحَاطَ بِكُمۡۖ فَلَمَّآ ءَاتَوۡهُ مَوۡثِقَهُمۡ قَالَ ٱللَّهُ عَلَىٰ مَا نَقُولُ وَكِيلٞ
Se wabo Yakubu araheza ababwira ati: “Sindota ndamubarungikana tudahanye amasezerano, mukandahira kw’izina ry’Imana Allah ko muzomungarukanira amarembe, hamwe mutoshikirwa n’ivyago bitabavuyeko”. Bamaze rero kumurahirira kw’izina ry’Imana Allah ko bazomucungera, Yakubu yaciye avuga ati: “Imana Allah rero ni Yo Muhagarikizi wacu ku vyo dusezeranye”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ يَٰبَنِيَّ لَا تَدۡخُلُواْ مِنۢ بَابٖ وَٰحِدٖ وَٱدۡخُلُواْ مِنۡ أَبۡوَٰبٖ مُّتَفَرِّقَةٖۖ وَمَآ أُغۡنِي عَنكُم مِّنَ ٱللَّهِ مِن شَيۡءٍۖ إِنِ ٱلۡحُكۡمُ إِلَّا لِلَّهِۖ عَلَيۡهِ تَوَكَّلۡتُۖ وَعَلَيۡهِ فَلۡيَتَوَكَّلِ ٱلۡمُتَوَكِّلُونَ
Hageze ko basubira muri Misiri rero, se wabo yabatekereye impanuro avuga ati: “Bane banje! Nimwaramuka mugeze muri Misiri, ntimuzokwinjire muciye mu muryango umwe, ahubwo murinjirira mu miryango itandukanye kugira mwikingire ijisho ribi. Hamwe n’uko ndabahaye izo mpanuro, nta cobuza ko mudashikirwa n’ivyagezwe vy’Imana Allah, kandi nta co mpinduramwo ngo ngire ico ndabamariye. Burya, nta ngingo ija mu ngiro ku biremwa, kiretse ko iva ku Mana Allah, ni Yo nishimikije kandi nizeye, abizera rero nibayishimikize bayizere”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَمَّا دَخَلُواْ مِنۡ حَيۡثُ أَمَرَهُمۡ أَبُوهُم مَّا كَانَ يُغۡنِي عَنۡهُم مِّنَ ٱللَّهِ مِن شَيۡءٍ إِلَّا حَاجَةٗ فِي نَفۡسِ يَعۡقُوبَ قَضَىٰهَاۚ وَإِنَّهُۥ لَذُو عِلۡمٖ لِّمَا عَلَّمۡنَٰهُ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Igihe bagera muri Misiri, binjiye baciye mu miryango itandukanye nk’uko se wabo yari yabategetse. N’aho ivyo vyose ata co vyari kubamarira ngo bihindure ivyagezwe n’Imana Allah kuri bo, ariko kubabwira ivyo vyose, vyatumye ikiri ku mutima wa Yakubu cururuka. Mu vy’ukuri, Yakubu yari afise ubumenyi buhambaye ku vyo Twebwe Allah Twamwigishije mw’idini ryiwe, ariko abenshi mu bantu ntibazi iherezo ry’ivyo bakora.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَمَّا دَخَلُواْ عَلَىٰ يُوسُفَ ءَاوَىٰٓ إِلَيۡهِ أَخَاهُۖ قَالَ إِنِّيٓ أَنَا۠ أَخُوكَ فَلَا تَبۡتَئِسۡ بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Bamaze kwinjira rero mu kirimba kwa Yusufu bari kumwe na murumunawe Biniyamini, Yusufu yamuguye mu nda aramuhobera, araheza aramwongorera ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi mukurwawe, ntiwicwe n’intuntu na gato ku vyo benewacu bigeze kungirira”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّا جَهَّزَهُم بِجَهَازِهِمۡ جَعَلَ ٱلسِّقَايَةَ فِي رَحۡلِ أَخِيهِ ثُمَّ أَذَّنَ مُؤَذِّنٌ أَيَّتُهَا ٱلۡعِيرُ إِنَّكُمۡ لَسَٰرِقُونَ
Amaze kubatekerera imfungurwa bipfuza, yategetse abakozi biwe ko bashira mu mfungurwa bagereye murumunawe Biniyamini, igipimo bageresha, maze bakabigira mw’ibanga nta ngere ata n’umwe abizi. Bagize ngo barahagurutse bagende, umuraritsi yaciye asemerera ati: “Emwe bantu muri ku bitwazi! Mu vy’ukuri, hari ibintu mwivye, muri ibisuma koko!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ وَأَقۡبَلُواْ عَلَيۡهِم مَّاذَا تَفۡقِدُونَ
Baca batumbera umuraritsi bati: “Mbega mwabuze igiki!?”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ نَفۡقِدُ صُوَاعَ ٱلۡمَلِكِ وَلِمَن جَآءَ بِهِۦ حِمۡلُ بَعِيرٖ وَأَنَا۠ بِهِۦ زَعِيمٞ
Nya muraritsi n’abo bari kumwe bati: “Tubuze igipimo umwami ageresha, kandi ikibonamaso c’uwukizana, ni imfungurwa zotwarwa n’igitwazi”. Umuraritsi aca yongerako ati: “Ni nanje mbere niyemeje kumushikiriza nya kibonamaso”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ تَٱللَّهِ لَقَدۡ عَلِمۡتُم مَّا جِئۡنَا لِنُفۡسِدَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا كُنَّا سَٰرِقِينَ
Benewabo na Yusufu bavuze bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ni ukuri na mwe murazi ko tutazanwe n’ubwononyi mu gihugu ca Misiri, eka ntituri n’abasuma mu buzima bwacu!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ فَمَا جَزَٰٓؤُهُۥٓ إِن كُنتُمۡ كَٰذِبِينَ
Abajejwe gusaka, ni ho bavuga bati: “Hamwe mwoba muriko murabesha mu kurahira ko mutivye, mubona yoba akwiye igihano nyabaki hamwe twosanga umusuma ari muri mwebwe!?”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ جَزَٰٓؤُهُۥ مَن وُجِدَ فِي رَحۡلِهِۦ فَهُوَ جَزَٰٓؤُهُۥۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلظَّٰلِمِينَ
Benewabo na Yusufu bishuye bati: “Igihano c’uwivye, ni uko afashwe aca agirwa umuja w’uwibwe, ni nk’ico gihano nyene iwacu duha uwirenganije mu kwiba”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَبَدَأَ بِأَوۡعِيَتِهِمۡ قَبۡلَ وِعَآءِ أَخِيهِ ثُمَّ ٱسۡتَخۡرَجَهَا مِن وِعَآءِ أَخِيهِۚ كَذَٰلِكَ كِدۡنَا لِيُوسُفَۖ مَا كَانَ لِيَأۡخُذَ أَخَاهُ فِي دِينِ ٱلۡمَلِكِ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ نَرۡفَعُ دَرَجَٰتٖ مَّن نَّشَآءُۗ وَفَوۡقَ كُلِّ ذِي عِلۡمٍ عَلِيمٞ
Ni ho rero babasubiza kwa Yusufu, araheza atangura gusaka ubwiwe ivyo bafise, ahera kuri benewabo kuri se imbere yuko asaka murumunawe. Hanyuma ni ho yatandukira gusaka murumunawe, aca asanga nya gipimo co kugeresha kiri mu mfungurwa ziri ku gitwazi ca murumunawe. Ni uko rero Twebwe Allah, Tworohereje Yusufu kugumana na murumunawe, ntiyari gushobora gusigarana na we ku kirimba c’umwami wa Misiri, kiretse ku bushake bw’Imana Allah mu kwisunga ingingo yuko uwivye, ahanishwa igihano gisanzwe kiri mw’idini rya benewabo. Twebwe Allah, Tuduza icubahiro kw’isi uwo Dushatse mu biremwa. Burya rero, hejuru y’uwo wese afise ubumenyi, haba hari uwundi abumusumvya.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ قَالُوٓاْ إِن يَسۡرِقۡ فَقَدۡ سَرَقَ أَخٞ لَّهُۥ مِن قَبۡلُۚ فَأَسَرَّهَا يُوسُفُ فِي نَفۡسِهِۦ وَلَمۡ يُبۡدِهَا لَهُمۡۚ قَالَ أَنتُمۡ شَرّٞ مَّكَانٗاۖ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا تَصِفُونَ
Baciye bavuga n’agashinyaguro n’akantu bati: “Niyibe na kera mukuru wiwe[6] yarigeze kwiba”. Yusufu ariyumya ku vyo yumvise maze ararimira ntiyiserura, kuko yari azi ko bavuze ikinyoma cambaye ubusa, maze aca yibwira ku mutima ati: “Mwebwe ni mwe bantu babi aho muri hose, burya Imana Allah, ni Yo Izi gusumba ikinyoma mu vyo mwigana”.
[6] Bashaka kuvuga Yusufu ko yigeze kwiba, kandi bitigeze biba.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡعَزِيزُ إِنَّ لَهُۥٓ أَبٗا شَيۡخٗا كَبِيرٗا فَخُذۡ أَحَدَنَا مَكَانَهُۥٓۖ إِنَّا نَرَىٰكَ مِنَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Baraheza bamubwira bamwinginga bati: “Ewe mutware! Mu vy’ukuri, uyo yivye afise se ashaje cane, amukunda cane, ntiyoba kure yiwe, pfuma ufata umwe muri twebwe mu kibanza ciwe, ni ukuri turabona ko wewe uri mu bagwaneza koko!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ مَعَاذَ ٱللَّهِ أَن نَّأۡخُذَ إِلَّا مَن وَجَدۡنَا مَتَٰعَنَا عِندَهُۥٓ إِنَّآ إِذٗا لَّظَٰلِمُونَ
Yusufu yabishuye ati: “Imana Allah Ikinge, ntibikabe ko dufata ngo dusigarane kiretse uwo twafatanye itonga; mu vy’ukuri, mu gihe twofata uwundi mu kibanza ciwe, ni ukuri twoba turi mu barenganya”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّا ٱسۡتَيۡـَٔسُواْ مِنۡهُ خَلَصُواْ نَجِيّٗاۖ قَالَ كَبِيرُهُمۡ أَلَمۡ تَعۡلَمُوٓاْ أَنَّ أَبَاكُمۡ قَدۡ أَخَذَ عَلَيۡكُم مَّوۡثِقٗا مِّنَ ٱللَّهِ وَمِن قَبۡلُ مَا فَرَّطتُمۡ فِي يُوسُفَۖ فَلَنۡ أَبۡرَحَ ٱلۡأَرۡضَ حَتَّىٰ يَأۡذَنَ لِيٓ أَبِيٓ أَوۡ يَحۡكُمَ ٱللَّهُ لِيۖ وَهُوَ خَيۡرُ ٱلۡحَٰكِمِينَ
Bamaze kwihebura ko Biniyamini atakirekuwe, bahavuye biherera batangura guhanurana ku cokorwa, maze umukuru muri bo avuga ati: “Mbega ntimuzi ko so yabarahije kw’izina ry’Imana Allah, ko mutegerezwa kugarukana murumuna wanyu, kiretse mu gihe mwoshikirwa n’ivyago bitabavuyeko; n’imbere y’aho mukaba mutitwararitse Yusufu, mukamuhemukira. Jewe rero, sindota mva ku butaka bwa Misiri, kiretse mu gihe data yobindekurira, canke Imana Allah Ikandekurira kuva ng’aha, Ikanshoboza kuronka murumunanje, ni na Yo Mwiza w’abacamanza batunganiriza ibiremwa;
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱرۡجِعُوٓاْ إِلَىٰٓ أَبِيكُمۡ فَقُولُواْ يَٰٓأَبَانَآ إِنَّ ٱبۡنَكَ سَرَقَ وَمَا شَهِدۡنَآ إِلَّا بِمَا عَلِمۡنَا وَمَا كُنَّا لِلۡغَيۡبِ حَٰفِظِينَ
Nimusubire inyuma mwebwe muje kwa so, nimwashikayo mumwiganire uko vyatugendeye, muheze mumubwire muti: “Dawe wacu! Ni ukuri, umwana wawe Biniyamini yivye, kandi ntitumwagiriza kiretse ivyo twiboneye n’amaso, eka nta n’ubumenyi bw’uko yari kwiba twari dufise imbere yo kugusezeranira kumugarukana;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَسۡـَٔلِ ٱلۡقَرۡيَةَ ٱلَّتِي كُنَّا فِيهَا وَٱلۡعِيرَ ٱلَّتِيٓ أَقۡبَلۡنَا فِيهَاۖ وَإِنَّا لَصَٰدِقُونَ
Da! Niwashaka baza Abanyamisiri, ubaze n’abo twari kumwe, twazananye ku rugendo, mu vy’ukuri tukubwije ukuri”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ بَلۡ سَوَّلَتۡ لَكُمۡ أَنفُسُكُمۡ أَمۡرٗاۖ فَصَبۡرٞ جَمِيلٌۖ عَسَى ٱللَّهُ أَن يَأۡتِيَنِي بِهِمۡ جَمِيعًاۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡحَكِيمُ
Yakubu yabishuye ati: “Hari ikintu kibi imitima yanyu yaboheje gukora. Kubera ivyo rero, ndihanganye, sindi bwihebure ngo ncike intege, canke ngo nidoge, hari n’aho Imana Allah Yobanzanira bose uko ari batatu; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَتَوَلَّىٰ عَنۡهُمۡ وَقَالَ يَٰٓأَسَفَىٰ عَلَىٰ يُوسُفَ وَٱبۡيَضَّتۡ عَيۡنَاهُ مِنَ ٱلۡحُزۡنِ فَهُوَ كَظِيمٞ
Ni ho rero Yakubu yabirengagiza akavuga n’intuntu n’akantu ati: “Ese umubabaro mfise kuri Yusufu!”. Amaso yiwe yahavuye yeruruka ku kubera intimba n’intuntu, ariko rero yari umuntu yifata akigumya.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ تَٱللَّهِ تَفۡتَؤُاْ تَذۡكُرُ يُوسُفَ حَتَّىٰ تَكُونَ حَرَضًا أَوۡ تَكُونَ مِنَ ٱلۡهَٰلِكِينَ
Nya bana biwe bamubwiye bati: “Kw’izina ry’Imana Allah, ubwo uracakomeza kwibuka Yusufu n’imyaka yose ihaciye, gushika n’aho wenda guhwera canke ugahwera koko!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ إِنَّمَآ أَشۡكُواْ بَثِّي وَحُزۡنِيٓ إِلَى ٱللَّهِ وَأَعۡلَمُ مِنَ ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Yakubu yabishuye ati: “Nta n’umwe ndi buganyire ngo ndegere umubabaro n’intuntu mfise ku mutima atari Imana Allah, ni na Yo Izonkura mu kaga ndimwo, burya ndazi ku mpuhwe z’Imana Allah Imfiseko ivyo mutazi;
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰبَنِيَّ ٱذۡهَبُواْ فَتَحَسَّسُواْ مِن يُوسُفَ وَأَخِيهِ وَلَا تَاْيۡـَٔسُواْ مِن رَّوۡحِ ٱللَّهِۖ إِنَّهُۥ لَا يَاْيۡـَٔسُ مِن رَّوۡحِ ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ
Ehe bane banje! Nimusubire muri Misiri, maze mugendereze inkuru ku vyerekeye Yusufu na murumuna wiwe, kandi ntimwihebure ku mpuhwe z’Imana Allah, burya nta wihebura ku mpuhwe z’Imana Allah, kiretse abantu b’abagarariji, batemera ubushobozi n'ububasha vyayo”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّا دَخَلُواْ عَلَيۡهِ قَالُواْ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡعَزِيزُ مَسَّنَا وَأَهۡلَنَا ٱلضُّرُّ وَجِئۡنَا بِبِضَٰعَةٖ مُّزۡجَىٰةٖ فَأَوۡفِ لَنَا ٱلۡكَيۡلَ وَتَصَدَّقۡ عَلَيۡنَآۖ إِنَّ ٱللَّهَ يَجۡزِي ٱلۡمُتَصَدِّقِينَ
Bahavuye rero basubira muri Misiri, bagize ngo barinjiye kwa Yusufu, bamubwiye bati: “Ewe mutware! Twaratewe n’inzara, twebwe n’umuryango wacu wose, ni ko kuza twibangikanije iki kiguzi gidashemeye, turasavye rero ko mwotugerera ibikwiye nk’uko mwahora mubigenza ku kiguzi nk’ico nyene, n’aho kidashemeye. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irahemba abafasha abandi bakabaha imperezwa”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ هَلۡ عَلِمۡتُم مَّا فَعَلۡتُم بِيُوسُفَ وَأَخِيهِ إِذۡ أَنتُمۡ جَٰهِلُونَ
Yusufu amaze kwumva ivyo bavuze, yafashwe n’ikigumbagumba, aca ababwira ati: “Mbega mwoba mwibuka ivyo mwagiriye Yusufu na murumunawe igihe mutashobora gutahura iherezo ryanyu?”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُوٓاْ أَءِنَّكَ لَأَنتَ يُوسُفُۖ قَالَ أَنَا۠ يُوسُفُ وَهَٰذَآ أَخِيۖ قَدۡ مَنَّ ٱللَّهُ عَلَيۡنَآۖ إِنَّهُۥ مَن يَتَّقِ وَيَصۡبِرۡ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يُضِيعُ أَجۡرَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ni ho baca bamubaza bitangaza bati: “Burya mu vy’ukuri, yoba ari wewe Yusufu!?”. Na we ati: “Ego cane ni jewe! Uyu na we ni murumunanje, Imana Allah Yaratugiriye ubuntu maze Iraduhuza. Burya uwutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, akanihanganira ibigeragezo, nta nkeka ko Izobimuhembera; mu vy’ukuri Imana Allah, ntitakaza impera y’abagwaneza”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ تَٱللَّهِ لَقَدۡ ءَاثَرَكَ ٱللَّهُ عَلَيۡنَا وَإِن كُنَّا لَخَٰطِـِٔينَ
Bavuze bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah ko Yamaze kuguha icubahiro kiturengeye, kandi ku vyo twabagiriye, twarakosheje pe!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ لَا تَثۡرِيبَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡيَوۡمَۖ يَغۡفِرُ ٱللَّهُ لَكُمۡۖ وَهُوَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ
Yusufu ni ho yabishura ati: “Kuri uno musi, nta kabi kuri mwebwe, Imana Allah Ibababarire ivyaha vyanyu, ni na Yo Nyenimpuhwe kuruta abanyempuhwe bose”.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱذۡهَبُواْ بِقَمِيصِي هَٰذَا فَأَلۡقُوهُ عَلَىٰ وَجۡهِ أَبِي يَأۡتِ بَصِيرٗا وَأۡتُونِي بِأَهۡلِكُمۡ أَجۡمَعِينَ
Ni ho rero bamwiganira ko se yamaze guhuma biturutse ku ntimba amufitiye, aca ababwira ati: “Nimugende mujanye iyi kanzu yanje; nimwagerayo, muce muyiterera mu maso ya data, azoca asubira kubona ukuri kwamye, hanyuma muzoce mugaruka muzananye n’umuryango wose”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَمَّا فَصَلَتِ ٱلۡعِيرُ قَالَ أَبُوهُمۡ إِنِّي لَأَجِدُ رِيحَ يُوسُفَۖ لَوۡلَآ أَن تُفَنِّدُونِ
Bagize ngo baratanguye urugendo bava muri Misiri bagana muri Shaamu, bafise nya kanzu, se wabo Yakubu yaciye abwira abari kumwe na we ati: “Ni ukuri, ndumva akamoto ka Yusufu n’aho mwoshaka mugatebura ku vyo mvuze, mwibaza ko ndi umukehabwenge”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ تَٱللَّهِ إِنَّكَ لَفِي ضَلَٰلِكَ ٱلۡقَدِيمِ
Abari ng’aho, bamwishuye bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko wewe mu vy’ukuri, ukirembejwe n’intimba y’urukundo rwa Yusufu, bigatuma uguma umubona!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّآ أَن جَآءَ ٱلۡبَشِيرُ أَلۡقَىٰهُ عَلَىٰ وَجۡهِهِۦ فَٱرۡتَدَّ بَصِيرٗاۖ قَالَ أَلَمۡ أَقُل لَّكُمۡ إِنِّيٓ أَعۡلَمُ مِنَ ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Uwari azaniye Yakubu inkuru y’ihumure ko Yusufu akiriho, amaze guterera nya kanzu mu maso yiwe, Yakubu yaciye asubira kubona ukuri kwamye, ni ho yaca abwira abari ng’aho n’akamwemwe nta ngere ati: “Sinari nababwiye ko jewe mu vy’ukuri, nzi ivyo mutazi ku mpuhwe z’Imana Allah Imfiseko!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ يَٰٓأَبَانَا ٱسۡتَغۡفِرۡ لَنَا ذُنُوبَنَآ إِنَّا كُنَّا خَٰطِـِٔينَ
Ba bana ba Yakubu baciye bavuga bati: “Ewe dawe wacu! Dusabire rero ku Mana Allah ikigongwe, Itubabarire ivyaha vyacu; mu vy’ukuri, ku vyo twagiriye Yusufu na murumunawe, twarakosheje pe”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ سَوۡفَ أَسۡتَغۡفِرُ لَكُمۡ رَبِّيٓۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ
Yakubu yabishuye ati: “Handi hato, mpava ndabasabira Imana yanje Rurema Allah Ibagirire ikigongwe, burya ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّا دَخَلُواْ عَلَىٰ يُوسُفَ ءَاوَىٰٓ إِلَيۡهِ أَبَوَيۡهِ وَقَالَ ٱدۡخُلُواْ مِصۡرَ إِن شَآءَ ٱللَّهُ ءَامِنِينَ
Yakubu n’umuryango wiwe wose rero, bahavuye baja muri Misiri. Bamaze gushikayo bakinjira mu kirimba kwa Yusufu, Yusufu yahobereye abavyeyi biwe bompi, maze aca ababwira ati: “Kaze murisanze muri Misiri ku bushake bw’Imana Allah! Muragakira umuruho n’amapfa, nimutekane!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَرَفَعَ أَبَوَيۡهِ عَلَى ٱلۡعَرۡشِ وَخَرُّواْ لَهُۥ سُجَّدٗاۖ وَقَالَ يَٰٓأَبَتِ هَٰذَا تَأۡوِيلُ رُءۡيَٰيَ مِن قَبۡلُ قَدۡ جَعَلَهَا رَبِّي حَقّٗاۖ وَقَدۡ أَحۡسَنَ بِيٓ إِذۡ أَخۡرَجَنِي مِنَ ٱلسِّجۡنِ وَجَآءَ بِكُم مِّنَ ٱلۡبَدۡوِ مِنۢ بَعۡدِ أَن نَّزَغَ ٱلشَّيۡطَٰنُ بَيۡنِي وَبَيۡنَ إِخۡوَتِيٓۚ إِنَّ رَبِّي لَطِيفٞ لِّمَا يَشَآءُۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡحَكِيمُ
Ni ho yahava yakirana iteka abavyeyi biwe mu kubicarika hambavu yiwe ku ntebe y’inganji, baraheza baramuramutsa indamutso y’icubahiro, benawabo bose baramwubamira[7] uko ari icumi n’umwe. Ni ho rero Yusufu yaca abwira se ati: “Da! Iyi rero, ni yo nsiguro y’indoto nigeze kurota nkiri muto, nkayikwiganira, Imana yanje Rurema Allah Yayishize mu ngiro, ni ukuri Yaranangiriye ubuntu igihe Yankura mw’ibohero, Ikanabanzanira ng’aha Ibakuye mu misozi, inyuma y’aho shetani interanije na benewacu. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Rumenyi-Rudahishwa ku vyo Ishatse, ni na Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora”.
[7] Ni ukwubama ku bw’icubahiro; mu mabwirizwa y’idini rya Yakubu, ico gihe vyari birekuwe kwubamira umuntu mu kumwubaha. Vyahavuye rero bibuzwa mu mabwirizwa y’idini ry’ubwislamu ku kwanka ko vyoba imvo y’ibangikanyamana. Mu bwislamu rero, kirazira kikaziririzwa kwubamira ikiremwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ رَبِّ قَدۡ ءَاتَيۡتَنِي مِنَ ٱلۡمُلۡكِ وَعَلَّمۡتَنِي مِن تَأۡوِيلِ ٱلۡأَحَادِيثِۚ فَاطِرَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ أَنتَ وَلِيِّۦ فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِۖ تَوَفَّنِي مُسۡلِمٗا وَأَلۡحِقۡنِي بِٱلصَّٰلِحِينَ
Ni ho rero Yusufu yatumbera Imana Allah ayisaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ni ukuri, Warampaye ubwami bwa Misiri, Unyigisha no kurotora indoto, n’ubundi bumenyi. Ewe Rurema w’amajuru n’isi! Wewe ni We Muhagarikizi wanje muri vyose kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Urandengutsa rero ndi umwislamu nicisha bugufi, Uzonshire hamwe n’abaja bawe beranda”.
Arabic explanations of the Qur’an:
ذَٰلِكَ مِنۡ أَنۢبَآءِ ٱلۡغَيۡبِ نُوحِيهِ إِلَيۡكَۖ وَمَا كُنتَ لَدَيۡهِمۡ إِذۡ أَجۡمَعُوٓاْ أَمۡرَهُمۡ وَهُمۡ يَمۡكُرُونَ
Ntumwa y’Imana! Izo rero ni zimwe mu nkuru zo muri kahise Tuguhishurira, si ho wari igihe benewabo na Yusufu bapfundika ko bamuta mu kinogo kirekire, babanje gutega imitego mw’irementanya ridasanzwe[8].
[8] Ugushikiriza ido n’ido kahise nk’uko vyagenze ku vyerekeye Intumwa z’aho hambere y’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni kimwe mu vyerekana ko Qor'ani yahishuwe koko n’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَآ أَكۡثَرُ ٱلنَّاسِ وَلَوۡ حَرَصۡتَ بِمُؤۡمِنِينَ
Abenshi mu babangikanyamana mu bantu warungitsweko, ntibemera n’aho wokwitwararika kubararikira ukwemera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا تَسۡـَٔلُهُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۚ إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ لِّلۡعَٰلَمِينَ
Nta n’indishi ubasaba kw’irarikiramana ryawe ryo kwemera Imana Imwe Rudende Allah, burya Qor’ani warungikanwe, si ikindi kiretse ko ari urwibutso ku bantu bose kugira ngo bikebuke.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَكَأَيِّن مِّنۡ ءَايَةٖ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ يَمُرُّونَ عَلَيۡهَا وَهُمۡ عَنۡهَا مُعۡرِضُونَ
Hari ivyemezo vyinshi mu majuru no mw’isi[9] vyerekana ko Imana ari Imwe Rudende, abantu babirengako bavyirengagiza nk’uko ata vyo babona.
[9] Nk’akarorero k’izuba, ukwezi, imisozi, ibiti, n’ibindi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا يُؤۡمِنُ أَكۡثَرُهُم بِٱللَّهِ إِلَّا وَهُم مُّشۡرِكُونَ
Abenshi muri bo rero, ntibemera Imana Allah ko ari Yo Yaremye, Ibeshaho ibiremwa, kiretse ko bayemera bayibangikanya n’ibigirwamana.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَفَأَمِنُوٓاْ أَن تَأۡتِيَهُمۡ غَٰشِيَةٞ مِّنۡ عَذَابِ ٱللَّهِ أَوۡ تَأۡتِيَهُمُ ٱلسَّاعَةُ بَغۡتَةٗ وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ
Mbega boba bafise ikintu gituma batekanirwa ku Mana Allah, ku buryo batoshikirwa n’ibihano bihwikira bivuye ku Mana Allah; canke ko batoshikirwa giturumbuka n’umuhero w’isi, ata vyo bari biteguriye!
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ هَٰذِهِۦ سَبِيلِيٓ أَدۡعُوٓاْ إِلَى ٱللَّهِۚ عَلَىٰ بَصِيرَةٍ أَنَا۠ وَمَنِ ٱتَّبَعَنِيۖ وَسُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ وَمَآ أَنَا۠ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Iyi, ni yo nzira yanje yo gusenga Imana Imwe Rudende Allah, jewe hamwe n’abankurikiye, ndabararikira ko mwokurikira hisunzwe ivyemezo bitomoye; ukuninahazwa rero, ni ukw’Imana Allah, eka jewe sindi mu babangikanyamana pe!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَآ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ إِلَّا رِجَالٗا نُّوحِيٓ إِلَيۡهِم مِّنۡ أَهۡلِ ٱلۡقُرَىٰٓۗ أَفَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۗ وَلَدَارُ ٱلۡأٓخِرَةِ خَيۡرٞ لِّلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Twebwe Allah, ntitwigeze Dutuma Intumwa ku bantu aho hambere yawe, kiretse ko Twazitora mu bagabo baba mu bisagara, Tugaheza Tukabahishurira amabwirizwa yacu, hari ababemera bakabakurikira, n’abandi babahakana. Mbega ntibaragendagenda kw’isi ngo barabe ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze! Ni ukuri, indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ku batinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni yo nziza gusumba isi n’ibihendamaso vyayo. Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure muheze mwikebuke!
Arabic explanations of the Qur’an:
حَتَّىٰٓ إِذَا ٱسۡتَيۡـَٔسَ ٱلرُّسُلُ وَظَنُّوٓاْ أَنَّهُمۡ قَدۡ كُذِبُواْ جَآءَهُمۡ نَصۡرُنَا فَنُجِّيَ مَن نَّشَآءُۖ وَلَا يُرَدُّ بَأۡسُنَا عَنِ ٱلۡقَوۡمِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Ntiwihutire rero kunesha abaguhakana, burya Intumwa z’aho hambere yawe, na zo zaragararijwe gushika n’aho zihebura ko ata wuzozemera; abo zarungitsweko na bo, bibaza ko zabahenze mu kugabishwa ku bihano vy’Imana Allah, ni ho rero Twaheza Tugatabara Intumwa zacu n’abazikurikiye, Tukarokora mu bihano uwo Dushatse. Burya ibihano vyacu Twebwe Allah, ntibisubizwa inyuma hageze guhana abantu b’abanyavyaha, barenga ku mabwirizwa yacu.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَقَدۡ كَانَ فِي قَصَصِهِمۡ عِبۡرَةٞ لِّأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِۗ مَا كَانَ حَدِيثٗا يُفۡتَرَىٰ وَلَٰكِن تَصۡدِيقَ ٱلَّذِي بَيۡنَ يَدَيۡهِ وَتَفۡصِيلَ كُلِّ شَيۡءٖ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Mu vyo Twakwiganiye rero kuri kahise k’Intumwa zacu, harimwo inkebuzo ku bantu b’abanyabwenge. Qor’ani ntiyigeze iba amajambo y’irementanya, ariko Twayimanuye kugira ishimangire ibiri mu Bitabu vyamanuwe aho hambere yayo, inatomorere abantu ibirekuwe n’ibizira, iheze ibere uburongozi n’impuhwe abantu b’abemeramana.
Arabic explanations of the Qur’an:
 
Translation of the meanings Surah: Yūsuf
Surahs’ Index Page Number
 
Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية - Translations’ Index

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

close