Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Translations’ Index

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Translation of the meanings Surah: Al-Baqarah   Ayah:

SURATU L-BAQARA

الٓمٓ
Alif Laam Miim. Ni zimwe mu ndome z’ururimi rw’icarabu, Imana Allah Yatanguje bimwe mu bisomwa vya Qor’ani, kugira Ihige n’Abarabu basanzwe bakoresha izo ndome, ko boshobora kuzana Aayah n’imwe isa mu mvugo na Qor’ani, birabananira. Ico gica kiba igitangaro cemeza ko Qor’ani ari Igitabu c’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
ذَٰلِكَ ٱلۡكِتَٰبُ لَا رَيۡبَۛ فِيهِۛ هُدٗى لِّلۡمُتَّقِينَ
Ico Gitabu ca Qor’ani nta makenga kirimwo kuko camanuwe n’Imana Allah. Ni uburongozi ku bagamburukiramana.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡغَيۡبِ وَيُقِيمُونَ ٱلصَّلَوٰةَ وَمِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ يُنفِقُونَ
Abemera[1] ibinyegejwe ibiremwa[2], bagatsimbataza amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo nk’uko bitegetswe, bagatanga ishikanwa-bwirizwa (Zakat) n’izindi mperezwa (Sadaka) mu vyo Imana Allah Yabahaye.
[1] Ukwemera, ni ijambo ryo kwemanga wemera ata makenga ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo, Intumwa zayo, umusi w’imperuka, ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ry'avyo: ineza n’inabi. Ukwemera rero, gutegerezwa gushimangirwa mu mvugo n’ingiro, maze umutima ukemanga, ururimi rukavyatura, ibihimba na vyo bigashira mu ngiro ivyo umutima wemanze.
[2] Ibinyegejwe ibiremwa, ni birya vyose umuntu asabwa kwemera kandi adashoboye kubimenya kiretse mu gihe bihishuwe n’Imana Allah, biciye ku Ntumwa zayo; nko kwemera abamalayika, Ubwami bw’ijuru n’umuriro udahera, n’ibindi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيۡكَ وَمَآ أُنزِلَ مِن قَبۡلِكَ وَبِٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ يُوقِنُونَ
N’abemera ivyo wahishuriwe muri Qor’ani ewe Ntumwa y’Imana, bakanemera n’ivyahishuriwe izindi Ntumwa zo hambere yawe, bakemera ata gukekeranya ibizoba mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
أُوْلَٰٓئِكَ عَلَىٰ هُدٗى مِّن رَّبِّهِمۡۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ
Abo barangwa n’ivyo, ni bo bari mu nzira y’uburongozi bw’Imana yabo Rurema Allah. Abo ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ سَوَآءٌ عَلَيۡهِمۡ ءَأَنذَرۡتَهُمۡ أَمۡ لَمۡ تُنذِرۡهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Mu vy’ukuri, abahakanye bivuye inyuma ivyo wahishuriwe, kubaburira no kutababurira vyose ni co kimwe. Ntibazokwigera bemera.
Arabic explanations of the Qur’an:
خَتَمَ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ وَعَلَىٰ سَمۡعِهِمۡۖ وَعَلَىٰٓ أَبۡصَٰرِهِمۡ غِشَٰوَةٞۖ وَلَهُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ
Ku kubera ubugarariji bwabo, Imana Allah Yarateye ikimangu mu mitima yabo no mu matwi yabo. Ku maso yabo na ho hari ipaziya ntibabona ukuri. Baranategekanirijwe ibihano bihambaye.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يَقُولُ ءَامَنَّا بِٱللَّهِ وَبِٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَمَا هُم بِمُؤۡمِنِينَ
Burya mu bantu, harimwo abajuragirika mu kwemera bakavuga bati: “Twaremeye Imana Allah n’umusi w’imperuka”. Ivyo bakabivuga mu majambo gusa, kandi batemera mu mitima yabo.
Arabic explanations of the Qur’an:
يُخَٰدِعُونَ ٱللَّهَ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَمَا يَخۡدَعُونَ إِلَّآ أَنفُسَهُمۡ وَمَا يَشۡعُرُونَ
Bibwira ko bahenda Imana Allah n’abemeramana mu kwiyorobeka kwabo. Burya nta we bahenda kiretse ko ari bo nyene bihenda, ariko ntibavyumva.
Arabic explanations of the Qur’an:
فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٞ فَزَادَهُمُ ٱللَّهُ مَرَضٗاۖ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمُۢ بِمَا كَانُواْ يَكۡذِبُونَ
Mu mitima yabo harimwo indwara y’uburyarya n’ubuhakanyi, gutyo Imana Allah na Yo Ibongerereza iyindi ndwara y’ishari n’inzigo bafitiye abemeramana. Barategekanirijwe ibihano bibabaza, kubera ivyo bahora babesha.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ لَا تُفۡسِدُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ قَالُوٓاْ إِنَّمَا نَحۡنُ مُصۡلِحُونَ
Iyo babwiwe bati: “Ntimukwiragize ubwononyi kw’isi”. Bishura bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi intungane turabogora”.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَلَآ إِنَّهُمۡ هُمُ ٱلۡمُفۡسِدُونَ وَلَٰكِن لَّا يَشۡعُرُونَ
Bantu! Nimwumve mwumvireho! Bo ni bo bononyi vy’ukuri, mugabo nta vyo bumva.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ ءَامِنُواْ كَمَآ ءَامَنَ ٱلنَّاسُ قَالُوٓاْ أَنُؤۡمِنُ كَمَآ ءَامَنَ ٱلسُّفَهَآءُۗ أَلَآ إِنَّهُمۡ هُمُ ٱلسُّفَهَآءُ وَلَٰكِن لَّا يَعۡلَمُونَ
Iyo naho babwiwe bati: “Nimwemere nk’uko abandi bantu bemeye”. Bishura bati: “Twebwe twokwemera nk’uko abakehabwenge bemeye!” Bantu! Nimwumve mwumvireho! Bo ni bo bakehabwenge, ariko nta vyo bazi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا لَقُواْ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ قَالُوٓاْ ءَامَنَّا وَإِذَا خَلَوۡاْ إِلَىٰ شَيَٰطِينِهِمۡ قَالُوٓاْ إِنَّا مَعَكُمۡ إِنَّمَا نَحۡنُ مُسۡتَهۡزِءُونَ
Iyo bahuye n’abemeramana bavuga bati: “Twebwe twaremeye nkamwe”. Mugabo iyo bihereranye amashetani yabo (mu bahakanyi ruhebwa), bavuga bati: “Twebwe turatsimbataye mu buhakanyi hamwe na mwe. Mu vy’ukuri, twebwe turatebura gusa mu kubereka ko twemera”.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱللَّهُ يَسۡتَهۡزِئُ بِهِمۡ وَيَمُدُّهُمۡ فِي طُغۡيَٰنِهِمۡ يَعۡمَهُونَ
Imana Allah Izobahembera ugutebura kwabo, Yongere Ibongerereze ubuhuvyi ku buhuvyi bwabo basanganwe, bajuragirike mu kubura ico bafata nico bareka hagati yo kwemera no guhakana.
Arabic explanations of the Qur’an:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ ٱشۡتَرَوُاْ ٱلضَّلَٰلَةَ بِٱلۡهُدَىٰ فَمَا رَبِحَت تِّجَٰرَتُهُمۡ وَمَا كَانُواْ مُهۡتَدِينَ
Abo ni bo rero biguze ubuhuvyi ha kurongoka, maze birengagiza kwemera. Nta co bungutse mu rudandazwa rwabo rwo guhurumbira ivy’isi, ntibari no kuba abagororotsi namba muri ubwo buryo.
Arabic explanations of the Qur’an:
مَثَلُهُمۡ كَمَثَلِ ٱلَّذِي ٱسۡتَوۡقَدَ نَارٗا فَلَمَّآ أَضَآءَتۡ مَا حَوۡلَهُۥ ذَهَبَ ٱللَّهُ بِنُورِهِمۡ وَتَرَكَهُمۡ فِي ظُلُمَٰتٖ لَّا يُبۡصِرُونَ
Akarorero k’abo bantu b’indyarya, ni nk’umuntu yacanye umuriro ngo umumurikire we n’abagenzi bari kumwe, mu gihe umaze kumuboneshereza ibimukikije, Imana Allah Ica Irawuzimya, Ibasiga mu muzimagiza w’amakenga n’uburyarya batabona inzira y’ukuri.
Arabic explanations of the Qur’an:
صُمُّۢ بُكۡمٌ عُمۡيٞ فَهُمۡ لَا يَرۡجِعُونَ
Ni ibipfamatwi, barabwirwa ntibumva ukuri, ni ba nyamuragi ntibavuga ukuri, ni ibipfamaso barerekwa ntibabona inzira y’ukuri, eka mbere bobo ntibokwigarura ngo bave mu muzimagiza barimwo.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَوۡ كَصَيِّبٖ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ فِيهِ ظُلُمَٰتٞ وَرَعۡدٞ وَبَرۡقٞ يَجۡعَلُونَ أَصَٰبِعَهُمۡ فِيٓ ءَاذَانِهِم مِّنَ ٱلصَّوَٰعِقِ حَذَرَ ٱلۡمَوۡتِۚ وَٱللَّهُ مُحِيطُۢ بِٱلۡكَٰفِرِينَ
Canke akarorero kabo, ni nk’ak’abantu bari mu mwijima mu mvura nyinshi irimwo imituragaro n’imiravyo, maze bakazibira amatwi yabo n’intoke zabo kugira ngo bikingire inkuba batinya gupfa. Imana Allah na Yo Ikikuje abahakanyi ku buryo ata saganirizo n’ubuhungiro bagira.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَكَادُ ٱلۡبَرۡقُ يَخۡطَفُ أَبۡصَٰرَهُمۡۖ كُلَّمَآ أَضَآءَ لَهُم مَّشَوۡاْ فِيهِ وَإِذَآ أَظۡلَمَ عَلَيۡهِمۡ قَامُواْۚ وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَذَهَبَ بِسَمۡعِهِمۡ وَأَبۡصَٰرِهِمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Imiravyo ihakwa kubamena amaso. Mu gihe cose nya miravyo ibamurikiye bayigendamwo, iyo naho itabamurikiye ngo babone, baca bahagarara. Iyo Imana Allah Ishaka Yari kubamena amatwi n’amaso. Mu vy’ukuri rero, Imana Allah ni Mushoboravyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ ٱعۡبُدُواْ رَبَّكُمُ ٱلَّذِي خَلَقَكُمۡ وَٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تَتَّقُونَ
Emwe Bantu! Nimwiyegereze Imana yanyu Rurema Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, Yo Yabaremye Irema n’abo hambere yanyu kugira ngo muyigamburukire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَرۡضَ فِرَٰشٗا وَٱلسَّمَآءَ بِنَآءٗ وَأَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَخۡرَجَ بِهِۦ مِنَ ٱلثَّمَرَٰتِ رِزۡقٗا لَّكُمۡۖ فَلَا تَجۡعَلُواْ لِلَّهِ أَندَادٗا وَأَنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Ni Yo Yabagiriye isi nk’isaso kugira ngo mushobore kuyibako; Ibubakira n’ijuru nk’igisenge, Imanura n’amazi y’imvura avuye mu bicu azananye mu kirere, Iraheza Imeza hakoreshejwe nya mazi ivyamwa bitandukanye kugira ngo bibe imfungurwa zanyu. Kubera ivyo rero, ntimukabangikanye Imana Allah mu gusenga ibigirwamana, kandi na mwe nyene muzi neza ko ari Yo Rurema, Rutunga.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِن كُنتُمۡ فِي رَيۡبٖ مِّمَّا نَزَّلۡنَا عَلَىٰ عَبۡدِنَا فَأۡتُواْ بِسُورَةٖ مِّن مِّثۡلِهِۦ وَٱدۡعُواْ شُهَدَآءَكُم مِّن دُونِ ٱللَّهِ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Nimwaba mufise amakenga yuko Twamanuriye Qor’ani Intumwa yacu (Muhamadi nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), murazana rero igisomwa kimwe gusa gisa canke gisusa na Qor’ani, kandi murarike n’abantu bababere ivyabona hatarimwo Imana Allah, nimwaba muri imvugakuri mw’ihakana ryanyu rya Qor’ani.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِن لَّمۡ تَفۡعَلُواْ وَلَن تَفۡعَلُواْ فَٱتَّقُواْ ٱلنَّارَ ٱلَّتِي وَقُودُهَا ٱلنَّاسُ وَٱلۡحِجَارَةُۖ أُعِدَّتۡ لِلۡكَٰفِرِينَ
Nimutabigira, kandi nta n’ivyo muzoshobora, muraheza rero mwiyubare ibihano vy’umuriro udahera wa Jahannamu, muheze mwemere Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) maze mugamburukire Imana Allah. Ivyegenyezo vya nya muriro ni abantu n’amabuye. Wateguriwe abagarariji.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَبَشِّرِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أَنَّ لَهُمۡ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ كُلَّمَا رُزِقُواْ مِنۡهَا مِن ثَمَرَةٖ رِّزۡقٗا قَالُواْ هَٰذَا ٱلَّذِي رُزِقۡنَا مِن قَبۡلُۖ وَأُتُواْ بِهِۦ مُتَشَٰبِهٗاۖ وَلَهُمۡ فِيهَآ أَزۡوَٰجٞ مُّطَهَّرَةٞۖ وَهُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Ntumwa y’Imana! Shikiriza abemeye bakanakora ivyiza bitegetswe, inkuru ihumuriza ko bazohabwa imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Igihe cose bafunguriwe mu vyamwa vyayo bavuga bati: “Izi mfungurwa ni nk’izo twafungurirwa hambere kw’isi!”. Bazihawe zisa n’izo kw’isi ariko zidasusa. Bamaze kuzifungura, bazosanga zisangije akanovera. Bazoba rero bahafise n’abakenyezi basukuye batagira akanenge. Bazobamwo ibihe bidahera.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَسۡتَحۡيِۦٓ أَن يَضۡرِبَ مَثَلٗا مَّا بَعُوضَةٗ فَمَا فَوۡقَهَاۚ فَأَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ فَيَعۡلَمُونَ أَنَّهُ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّهِمۡۖ وَأَمَّا ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَيَقُولُونَ مَاذَآ أَرَادَ ٱللَّهُ بِهَٰذَا مَثَلٗاۘ يُضِلُّ بِهِۦ كَثِيرٗا وَيَهۡدِي بِهِۦ كَثِيرٗاۚ وَمَا يُضِلُّ بِهِۦٓ إِلَّا ٱلۡفَٰسِقِينَ
Mu vy’ukuri, Imana Allah ntiterwa n’isoni mu gushikiriza ukuri, mu gutanga akarorero k’akantu kanzunya cane kurusha umubu canke kawusumba, mu kwerekana ko ibigirwamana ata co bishoboye. Abemeramana bo baramenya ko ari akarorero k’ukuri kavuye ku Mana yabo Rurema Allah, nayo abagarariji bavuga n’agasuzuguro n’akantu bati: “None Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’udukoko tugayitse!”. Burya Imana Allah, mu gutanga ako karorero, Ihubisha benshi kw’itebura ryabo, Ikarongora benshi ku gutahura kwabo intumbero yayo. Burya rero Imana Allah ntihubisha kiretse ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo;
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ يَنقُضُونَ عَهۡدَ ٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ مِيثَٰقِهِۦ وَيَقۡطَعُونَ مَآ أَمَرَ ٱللَّهُ بِهِۦٓ أَن يُوصَلَ وَيُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِۚ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ
Abatubahiriza isezerano ry’Imana Allah ryo kuyigamburukira no kuyisenga ari Imwe Rudende, inyuma y’aho Irishimangiye cane mu kurungika Intumwa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah) no mu kumanura Ibitabu, bagaca ubucuti n’ubuvandimwe Imana Allah Yategetse ko bwungwa, bakanakwiragiza ubwononyi kw’isi. Abo rero, ni bo bahomvye ubuzima bwabo bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
كَيۡفَ تَكۡفُرُونَ بِٱللَّهِ وَكُنتُمۡ أَمۡوَٰتٗا فَأَحۡيَٰكُمۡۖ ثُمَّ يُمِيتُكُمۡ ثُمَّ يُحۡيِيكُمۡ ثُمَّ إِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Babangikanyamana! Ni gute mugarariza mugahakana isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah! Mu gihe mwari nk’abapfu mutararemwa, maze Imana Allah Irabarema, Ibaha ubuzima, inyuma y’aho Ibaka nya buzima urwanyu rugeze, murapfa. Hanyuma rero Ikazobasubiza kandi ubuzima mukazuka. Hanyuma ni kuri Yo muzosubizwa kugira muharurirwe muheze muhemberwe ivyo mwakoze.
Arabic explanations of the Qur’an:
هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ لَكُم مَّا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰٓ إِلَى ٱلسَّمَآءِ فَسَوَّىٰهُنَّ سَبۡعَ سَمَٰوَٰتٖۚ وَهُوَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٞ
Imana Allah, ni Yo Yabaremeye ibiri mw’isi vyose ku neza yanyu. Hanyuma Irengera ku majuru Iraheza Irayarema ari indwi ata n’akanenge wobona mw’iremwa ryayo. Ni na Yo rero Nyenubumenyikurivyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ قَالَ رَبُّكَ لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ إِنِّي جَاعِلٞ فِي ٱلۡأَرۡضِ خَلِيفَةٗۖ قَالُوٓاْ أَتَجۡعَلُ فِيهَا مَن يُفۡسِدُ فِيهَا وَيَسۡفِكُ ٱلدِّمَآءَ وَنَحۡنُ نُسَبِّحُ بِحَمۡدِكَ وَنُقَدِّسُ لَكَۖ قَالَ إِنِّيٓ أَعۡلَمُ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwira abamalayika Iti: “Mu vy’ukuri, Jewe Allah Ngira Nshire kw’isi ikiremwa kizokurakuranwa mu kuyibungabunga”. Na bo n’impungenge nyinshi bati: “Ugira Ushire kw’isi uwuzoyikorerako ubwononyi, akanasesa amaraso, mu gihe twebwe tukuninahaza mu kugushimagiza, tukagutagatifuza mu cubahiro cawe!”. Imana Allah Ibishura Iti: “Ni ukuri, Ndazi ivyo mutazi”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَعَلَّمَ ءَادَمَ ٱلۡأَسۡمَآءَ كُلَّهَا ثُمَّ عَرَضَهُمۡ عَلَى ٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ فَقَالَ أَنۢبِـُٔونِي بِأَسۡمَآءِ هَٰٓؤُلَآءِ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Imana Allah Imaze kurema Adamu, Ikamwigisha amazina y’ibiremwa vyose, Yaciye Ivyereka abamalayika, Ica Ibabwira Iti: “Enda nyabuna nimumbwire amazina y’ibi biremwa nimwaba muri imvugakuri ko Adamu ata co azomarira isi!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ سُبۡحَٰنَكَ لَا عِلۡمَ لَنَآ إِلَّا مَا عَلَّمۡتَنَآۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡحَكِيمُ
Abamalayika barishura bati: “Ininahazwa ni iryawe Mana! Nta bumenyi dufise burenze ubwo Waduhaye. Mu vy’ukuri, Wewe ni We Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ukora”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ يَٰٓـَٔادَمُ أَنۢبِئۡهُم بِأَسۡمَآئِهِمۡۖ فَلَمَّآ أَنۢبَأَهُم بِأَسۡمَآئِهِمۡ قَالَ أَلَمۡ أَقُل لَّكُمۡ إِنِّيٓ أَعۡلَمُ غَيۡبَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَأَعۡلَمُ مَا تُبۡدُونَ وَمَا كُنتُمۡ تَكۡتُمُونَ
Imana Allah Iraheza Ibwira Adamu Iti: “Babwire amazina y’ivyo biremwa batashoboye kumenya amazina yavyo”. Adamu amaze kubabwira amazina yavyo, Imana Allah Yaciye Ivuga Iti: “Sinababwiye ko Jewe Nzi neza ivyo mutazi binyegejwe mu majuru no mw’isi, Nkaba Nzi kandi neza n’ivyo muserura n’ivyo mwama muhisha!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ قُلۡنَا لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ أَبَىٰ وَٱسۡتَكۡبَرَ وَكَانَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka maze wiganire abantu igihe Twebwe Allah Twatera iteka Adamu maze Tukabwiriza abamalayika hamwe na “Ibilisi[3]” Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, baraheza bagamburukira rimwe barubama bose kiretse Ibilisi yanse kumwubamira, bitewe n’amanyama n’ishari n’akantu, gutyo aca acika umugarariji mu bandi.
[3] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu majini rero harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقُلۡنَا يَٰٓـَٔادَمُ ٱسۡكُنۡ أَنتَ وَزَوۡجُكَ ٱلۡجَنَّةَ وَكُلَا مِنۡهَا رَغَدًا حَيۡثُ شِئۡتُمَا وَلَا تَقۡرَبَا هَٰذِهِ ٱلشَّجَرَةَ فَتَكُونَا مِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Turaheza Tubwira Adamu Duti: “Ewe Adamu! Cumbika mu Bwami bw’ijuru, wewe hamwe n’umutambukanyi wawe “Hawa”, nimufungure rero n’akayabagu kenshi ivyo mushaka, mworohewe aho ari ho hose muri ubu Bwami. Mugabo rero, ntimuzohirahire kwegera iki giti ngo mufungure ivyamwa vyaco, mwohava muba mu birenganije ku kurenga ku mabwirizwa yanje”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَأَزَلَّهُمَا ٱلشَّيۡطَٰنُ عَنۡهَا فَأَخۡرَجَهُمَا مِمَّا كَانَا فِيهِۖ وَقُلۡنَا ٱهۡبِطُواْ بَعۡضُكُمۡ لِبَعۡضٍ عَدُوّٞۖ وَلَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُسۡتَقَرّٞ وَمَتَٰعٌ إِلَىٰ حِينٖ
Ni ho rero shetani yabata mu caha, bafungura kuri ca giti, gutyo iba imvo n’imvano yo kuva mu Bwami bw’ijuru no mu ngabirano barimwo. Duca Dutegeka Adamu n’umukenyezi wiwe hamwe na Ibilisi Duti: “Nimumanuke kw’isi, aho muzoba abansi hagati yanyu (mu ruvyaro rwa Adamu na Ibilisi). Kw’isi rero, ni ho mufise uburaro n’uburamuko no kuryoherwa gato kugeza ku musi wa rwo”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَتَلَقَّىٰٓ ءَادَمُ مِن رَّبِّهِۦ كَلِمَٰتٖ فَتَابَ عَلَيۡهِۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ
Aho ni ho rero Adamu yaheza akerekwa n’Imana yiwe Rurema Allah amajambo yokoresha mu kwigaya[4], maze araheza arigaya hamwe na Hawa. Gutyo Imana Allah Iramwumvira, Iramubabarira. Mu vy’ukuri, ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
[4] Ayo majambo ari mu Aayah ya 23, mu gisomwa Al-A’raaf, aho Adamu na Hawa batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twirenganije mu gufungura kuri kirya giti. Nutatugumiriza akabanga Ukatubabarira iki caha twakoze, Ukanatugirira impuhwe, nta nkeka ko tuzoba mu bantu bahomvye ubuzima bwabo”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡنَا ٱهۡبِطُواْ مِنۡهَا جَمِيعٗاۖ فَإِمَّا يَأۡتِيَنَّكُم مِّنِّي هُدٗى فَمَن تَبِعَ هُدَايَ فَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Twabategetse Duti: “Nimumanuke mwese muve mu Bwami bw’ijuru. Nimwashikirwa n’uburongozi bwanje, abazokwemera bagakurikiza uburongozi bwanje, abo nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَكَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Nayo abazogarariza Imana Allah bagahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu vyerekana ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa, abo ni bo bantu bo mu muriro. Bazowubamwo ibihe bidahera.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱذۡكُرُواْ نِعۡمَتِيَ ٱلَّتِيٓ أَنۡعَمۡتُ عَلَيۡكُمۡ وَأَوۡفُواْ بِعَهۡدِيٓ أُوفِ بِعَهۡدِكُمۡ وَإِيَّٰيَ فَٱرۡهَبُونِ
Emwe Bene Israyeli[5]! Enda nimwibuke inema zanje Nabahaye, mwongere mwubahirize isezerano ryanje ryo kwemera Ibitabu n’Intumwa zanje ata kuvangura, maze mwubahirize amabwirizwa yanje, nanje Nzoheza Nubahirize isezerano ryanyu ryo kubagirira impuhwe kw’isi no kubaha impera y’ivyo mwakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kandi ni Jewe rero gusa mutegerezwa gutinya mu kwiyubara ko mwohabwa ibihano vyanje hamwe mwongarariza,
[5] Biswe Bene Israyeli kuko bamuka kuri Yakobo mwene Ibrahimu, akaba ari we atazirwa Israyeli.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَءَامِنُواْ بِمَآ أَنزَلۡتُ مُصَدِّقٗا لِّمَا مَعَكُمۡ وَلَا تَكُونُوٓاْ أَوَّلَ كَافِرِۭ بِهِۦۖ وَلَا تَشۡتَرُواْ بِـَٔايَٰتِي ثَمَنٗا قَلِيلٗا وَإِيَّٰيَ فَٱتَّقُونِ
Maze mwemere n’iyi Qor’ani Namanuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ishimangira ukuri mu vyo mwahawe muri Tawurati. Ntimukabe rero aba mbere bayihakana, kandi ntimukagurishe Aayah zanje ku giciro gito cane mu kuyirengagiza canke ngo muzihindure. Kandi ni Jewe rero gusa mutegerezwa kugamburukira mu kwubahiriza amabwirizwa yanje;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَا تَلۡبِسُواْ ٱلۡحَقَّ بِٱلۡبَٰطِلِ وَتَكۡتُمُواْ ٱلۡحَقَّ وَأَنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Kandi ntimukavange ukuri n’ikinyoma murementanya, ntimukanyegeze ukuri muzi mu biranga Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi muzi neza ko ibiyiranga vyanditswe mu Bitabu musoma.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ وَٱرۡكَعُواْ مَعَ ٱلرَّٰكِعِينَ
Nimube rero abislamu, maze mutsimbataze amasengesho-bwirizwa, mwongere mutange n’ishikanwa-bwirizwa, hanyuma mugamburukire Imana Allah, muyunamire hamwe n’abunama.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ أَتَأۡمُرُونَ ٱلنَّاسَ بِٱلۡبِرِّ وَتَنسَوۡنَ أَنفُسَكُمۡ وَأَنتُمۡ تَتۡلُونَ ٱلۡكِتَٰبَۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Mbega mutegeka abantu gukora ivyiza mukiyibagira kwibwiriza ngo mube abislamu, mu gihe mwebwe nyene musoma Igitabu ca Tawurati canditswemwo ibiranga Intumwa Muhamadi n’uko mutegerezwa kuyemera! Mbega none ntimugira ubwenge ngo mutahure ko muca kubiri n’ivyo muvuga!
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱسۡتَعِينُواْ بِٱلصَّبۡرِ وَٱلصَّلَوٰةِۚ وَإِنَّهَا لَكَبِيرَةٌ إِلَّا عَلَى ٱلۡخَٰشِعِينَ
Bemeramana! Mu gutunganya ivyanyu, nimwifashishe kwihangana mu gukora ivyo mwategetswe no mu kwirinda ivyo mwabujijwe, mwongere mwifashishe no gusenga isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo n’aho bigoye cane kiretse ku bantu bitonesha bakicisha bugufi ku Mana Allah;
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ يَظُنُّونَ أَنَّهُم مُّلَٰقُواْ رَبِّهِمۡ وَأَنَّهُمۡ إِلَيۡهِ رَٰجِعُونَ
Abizeye ko bazohura n’Imana yabo Rurema Allah igihe bazutse, bakizera mu vy’ukuri ko bazosubira kuri Yo kugira baharurirwe baheze bahemberwe ivyo bakoze.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱذۡكُرُواْ نِعۡمَتِيَ ٱلَّتِيٓ أَنۡعَمۡتُ عَلَيۡكُمۡ وَأَنِّي فَضَّلۡتُكُمۡ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Emwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwongere mwibuke ko mu gihe canyu Nabateye iteka gusumba abandi, mu kurungikwa muri mwebwe Abavugishwamana benshi no guhabwa Ibitabu vya Tawurati n’Injili;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱتَّقُواْ يَوۡمٗا لَّا تَجۡزِي نَفۡسٌ عَن نَّفۡسٖ شَيۡـٔٗا وَلَا يُقۡبَلُ مِنۡهَا شَفَٰعَةٞ وَلَا يُؤۡخَذُ مِنۡهَا عَدۡلٞ وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ
Maze mwikingire ibihano vyo ku musi w’izurwa ry’ibiremwa, aho umuntu ata co azomarira uwundi, ntazokwemererwa no kugira uwo avugira, eka mbere nta n’ico kwigomboza mu bihano azotanga ngo cemerwe, n’aho yotanga amatungo y’isi yose, eka mbere bobo ntibazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ نَجَّيۡنَٰكُم مِّنۡ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ يَسُومُونَكُمۡ سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِ يُذَبِّحُونَ أَبۡنَآءَكُمۡ وَيَسۡتَحۡيُونَ نِسَآءَكُمۡۚ وَفِي ذَٰلِكُم بَلَآءٞ مِّن رَّبِّكُمۡ عَظِيمٞ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Tubakuyeko amagorwa y’abantu ba Firawuni yo gucurwa bufuni na buhoro, babaha ibihano bikomeye, bagakereragura abana banyu b’abahungu, bagasigaza abakobwa banyu ku gutinya ko mu bahungu hovamwo uwuzoza gukura ubutegetsi bwiwe. Muri ivyo vyose vyabashikiye rero, harimwo igeragezwa rikomeye rivuye ku Mana yanyu Rurema Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ فَرَقۡنَا بِكُمُ ٱلۡبَحۡرَ فَأَنجَيۡنَٰكُمۡ وَأَغۡرَقۡنَآ ءَالَ فِرۡعَوۡنَ وَأَنتُمۡ تَنظُرُونَ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke kandi igihe Twabaciramwo kubiri ibahari ritukura hakaboneka inzira ihita, gutyo Tubakura mu bihano mwarimwo, Tunasomesha nturi Firawuni n’abantu biwe na mwe mwirabira n’amaso yanyu ukuntu basoma nturi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ وَٰعَدۡنَا مُوسَىٰٓ أَرۡبَعِينَ لَيۡلَةٗ ثُمَّ ٱتَّخَذۡتُمُ ٱلۡعِجۡلَ مِنۢ بَعۡدِهِۦ وَأَنتُمۡ ظَٰلِمُونَ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Twaha Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) isezerano ryo kuvugana nanje ukuri kwamye no kumanurirwa Tawurati, inyuma y’amajoro mirongo ine, muca mufata igishusho c’inyana y’inka mwibumbiye muragisenga igihe Intumwa y’Imana Musa yari kwakira ubutumwa bwa Tawurati ku musozi Sinayi. Mwari mwirenganije pe!
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ عَفَوۡنَا عَنكُم مِّنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Mu nyuma yo gusenga nya gishusho c’inyana, Twarabababariye ivyaha vyanyu kugira ngo mushime ubutore n’ingabirano z’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡفُرۡقَانَ لَعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ
Nimwibuke igihe Twaha Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Tawurati gitandukanya ukuri n’ikinyoma, ibirekuwe n’ibibujijwe, kugira ngo mube abagororotsi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦ يَٰقَوۡمِ إِنَّكُمۡ ظَلَمۡتُمۡ أَنفُسَكُم بِٱتِّخَاذِكُمُ ٱلۡعِجۡلَ فَتُوبُوٓاْ إِلَىٰ بَارِئِكُمۡ فَٱقۡتُلُوٓاْ أَنفُسَكُمۡ ذَٰلِكُمۡ خَيۡرٞ لَّكُمۡ عِندَ بَارِئِكُمۡ فَتَابَ عَلَيۡكُمۡۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibwira abantu bayo iti: “Bantu banje! Mu vy’ukuri, mwarirenganije mu gusenga igishusho c’inyana y’inka. Kubera ivyo rero, nimugaruke ku Mana Allah Umuremyi wanyu, maze mwigaye ibicumuro vyanyu mu kwicana hagati yanyu. Ivyo rero mu gihe mwobigira, ni ku neza yanyu imbere y’Imana Allah Umuremyi wanyu. Ico gihe mwaricanye hapfa ibihumbi mirongo indwi, gutyo Iyabaremye Irabababarira”. Mu vy’ukuri rero, ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ قُلۡتُمۡ يَٰمُوسَىٰ لَن نُّؤۡمِنَ لَكَ حَتَّىٰ نَرَى ٱللَّهَ جَهۡرَةٗ فَأَخَذَتۡكُمُ ٱلصَّٰعِقَةُ وَأَنتُمۡ تَنظُرُونَ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke igihe (abantu mirongo indwi muri mwebwe) mwabwira Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) muti: “Ntiturota twemera ko wewe uvugana n’Imana Allah tutabanje kwibonera nya Mana Allah utubwira amaso mu yandi”, haca hamanuka umuriro uvuye hejuru mwiboneye n’amaso yanyu, urabahonya;
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ بَعَثۡنَٰكُم مِّنۢ بَعۡدِ مَوۡتِكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Hanyuma Tubasubiza ubuzima inyuma y’iryo honywa kugira ngo mushimire Iyabaremye ku nema Yabahaye.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَظَلَّلۡنَا عَلَيۡكُمُ ٱلۡغَمَامَ وَأَنزَلۡنَا عَلَيۡكُمُ ٱلۡمَنَّ وَٱلسَّلۡوَىٰۖ كُلُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا رَزَقۡنَٰكُمۡۚ وَمَا ظَلَمُونَا وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Nimwibuke n’igihe Tubarungikira igicu kibaha agatutu kugira ngo kibakingire izuba ryo mu bugaragwa igihe mwari mu gihano co kuzembagirika, Tubamanurira na “Manna[6]” na “Salwa[7]”. Turaheza Tubabwira Duti: “Nimurye rero mu vyiza Twabafunguriye maze mwubahirize idini ryanyuˮ, ariko rero nta ryo bubahirije. Si Twebwe Allah rero barenganije ku buhakanyi bwabo, mugabo ni bo nyene birenganije.
[6] Ibirirarira vy’ibiti bisosa nk’ubuki.
[7] Inyama z’ubwoko bw’inyoni.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ قُلۡنَا ٱدۡخُلُواْ هَٰذِهِ ٱلۡقَرۡيَةَ فَكُلُواْ مِنۡهَا حَيۡثُ شِئۡتُمۡ رَغَدٗا وَٱدۡخُلُواْ ٱلۡبَابَ سُجَّدٗا وَقُولُواْ حِطَّةٞ نَّغۡفِرۡ لَكُمۡ خَطَٰيَٰكُمۡۚ وَسَنَزِيدُ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Tubabwira Duti: “Nimwinjire mu gisagara ceranda “Bayti-l Maqdis”, muheze mufungure n’akayabagu mwisanzuye aho mushatse hose, maze mwinjire mu muryango mwunamiye Imana Allah, mwicishe bugufi, mugaca muvuga muti: “Dusavye ikigongwe cawe Mana!”, Turaheza Tubagirira ikigongwe ku vyaha vyanyu. Tuzokwongerereza indishi rero abagwaneza muri mwebwe.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَبَدَّلَ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ قَوۡلًا غَيۡرَ ٱلَّذِي قِيلَ لَهُمۡ فَأَنزَلۡنَا عَلَى ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ رِجۡزٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ بِمَا كَانُواْ يَفۡسُقُونَ
Ni ho rero abirenganije muri Bene Israyeli baca bahindura ijambo basabwe kuvuga “Ikigongwe cawe Mana”, baraheza binjira bakurura ikibuno hasi, bavuga n’agasuzuguro n’akantu bati: “Urutete mu mushatsi Mana!”. Duca Tumanurira abirenganije igihano kivuye hejuru, bitewe n’ubugaba bahora bagira bwo kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَإِذِ ٱسۡتَسۡقَىٰ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦ فَقُلۡنَا ٱضۡرِب بِّعَصَاكَ ٱلۡحَجَرَۖ فَٱنفَجَرَتۡ مِنۡهُ ٱثۡنَتَا عَشۡرَةَ عَيۡنٗاۖ قَدۡ عَلِمَ كُلُّ أُنَاسٖ مَّشۡرَبَهُمۡۖ كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ مِن رِّزۡقِ ٱللَّهِ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe mwanyoterwa, Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ikabasabira ko mwohemburwa, Duca Tuyibwira Duti: “Kubita inkoni yawe kw’ibuye”, rica ricikamwo amariba cumi n’abiri angana n’imiryango yari ng’aho. Gutyo umuryango wose wikiza inyota kw’iriba ryawo bwite, Turaheza Tubabwira Duti: “Nimufungure “Manna” na “Salwa” mwongere munywe kw’iriba. Izo ni inema z’Imana Allah kuri mwebwe, kandi ntimukagenzwe n’ubwononyi kw’isi”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ قُلۡتُمۡ يَٰمُوسَىٰ لَن نَّصۡبِرَ عَلَىٰ طَعَامٖ وَٰحِدٖ فَٱدۡعُ لَنَا رَبَّكَ يُخۡرِجۡ لَنَا مِمَّا تُنۢبِتُ ٱلۡأَرۡضُ مِنۢ بَقۡلِهَا وَقِثَّآئِهَا وَفُومِهَا وَعَدَسِهَا وَبَصَلِهَاۖ قَالَ أَتَسۡتَبۡدِلُونَ ٱلَّذِي هُوَ أَدۡنَىٰ بِٱلَّذِي هُوَ خَيۡرٌۚ ٱهۡبِطُواْ مِصۡرٗا فَإِنَّ لَكُم مَّا سَأَلۡتُمۡۗ وَضُرِبَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلذِّلَّةُ وَٱلۡمَسۡكَنَةُ وَبَآءُو بِغَضَبٖ مِّنَ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ كَانُواْ يَكۡفُرُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَيَقۡتُلُونَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّۚ ذَٰلِكَ بِمَا عَصَواْ وَّكَانُواْ يَعۡتَدُونَ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe mwavuga muti: “Ewe Musa! Ntidushobora kwama dufungura indya z’ubwoko bumwe! Dusabire Imana yawe Rurema Allah Iduhe mu vyimburwa vy’isi; nk’imboga, ibitunguru-sumu, intete nka “adasi” hamwe rero n’ibitunguru”. Intumwa Musa na yo ibishura iti: “Musaba guhindurirwa imfugurwa nziza cane ngo muronswe iziciriritse! Nimumanuke rero kw’isi ndimwa, muheze muronke ivyo musaba”. Bamaze kumanuka kw’isi ndimwa, baciye bugarizwa n’agasuzuguro hamwe n’ubukene bw’akataraboneka. Kubera ivyo rero, basubiye inyuma bakwiye gushavurirwa n’Imana Allah. Ivyo vyatewe n’uko bama bagararije Aayah z’Imana Allah, bakica n’Abavugishwamana ku kadenderezo ata kuri kwisunzwe. Ico gihano rero bagihawe kuko bagabitaniye Imana Allah, bagahohotera n’Intumwa zayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَٱلَّذِينَ هَادُواْ وَٱلنَّصَٰرَىٰ وَٱلصَّٰبِـِٔينَ مَنۡ ءَامَنَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا فَلَهُمۡ أَجۡرُهُمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ وَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Mu vy’ukuri, abemeye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakayikurikira, abayahudi[8], abanaswara[9] hamwe rero n’abatsimbataye kuri kameremere kabo batagira idini nyezina, abazokwemera vy’ukuri muri bo Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa yayo Muhamadi n’umusi w’imperuka, bakanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, abo rero bazosanga indishi yabo ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi[10].
[8] Abayahudi, ni abemeye Musa bakanamukurikira. Ijambo “abayahudi”, risigura abigaye ku Mana Allah.
[9] Abanaswara, ni abemeye Isa mwene Mariyamu bakamukurikira bakanamutabara. Ijambo “abanaswara”, risugura abatabazi.
[10] Inyuma y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku bantu bose, nta dini ryemewe ku Mana Allah atari idini ry’ubwislamu yaje ishimangira kuko ari ryo dini Imana Allah Yarungikanye Intumwa zose, rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ أَخَذۡنَا مِيثَٰقَكُمۡ وَرَفَعۡنَا فَوۡقَكُمُ ٱلطُّورَ خُذُواْ مَآ ءَاتَيۡنَٰكُم بِقُوَّةٖ وَٱذۡكُرُواْ مَا فِيهِ لَعَلَّكُمۡ تَتَّقُونَ
Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano ko mwemera Imana Imwe Rudende Allah mukubahiriza n’ibiri muri Tawurati, Tukarerura hejuru yanyu umusozi Sinayi, Tukababwira Duti: “Nimufate nkama ivyo Twabategetse muri Tawurati Tutarabakororerako uwo musozi, maze mwitwararike gusoma no gukurikiza ibiri muri yo kugira ngo mwikingire ibihano”.
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ تَوَلَّيۡتُم مِّنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَۖ فَلَوۡلَا فَضۡلُ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡ وَرَحۡمَتُهُۥ لَكُنتُم مِّنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Inyuma y’ivyo vyose, mwarirengagije isezerano ryanyu, mureka kwubahiriza ivyo mwategetswe. Iyo hataba rero impano n’impuhwe z’Imana Allah ngo mwigaye, hanyuma mukababarirwa, ni ukuri mwari kuba mu bahomvye ubuzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَقَدۡ عَلِمۡتُمُ ٱلَّذِينَ ٱعۡتَدَوۡاْ مِنكُمۡ فِي ٱلسَّبۡتِ فَقُلۡنَا لَهُمۡ كُونُواْ قِرَدَةً خَٰسِـِٔينَ
Ni ukuri mwaramaze kumenya inkuru y’ivyashikiye abarenze kw’itegeko ry’Imana Allah muri mwebwe mu gacimbiri “Ilat”. Bakoresheje urwenge mu kutubahiriza umusi w’isabato, aho batega insenga ku wa gatanu, bakazitegura ku musi w’iyinga, Turaheza Tubabwira Duti: “Nimuhinduke rero inkende musuzugurike”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَجَعَلۡنَٰهَا نَكَٰلٗا لِّمَا بَيۡنَ يَدَيۡهَا وَمَا خَلۡفَهَا وَمَوۡعِظَةٗ لِّلۡمُتَّقِينَ
Ako gacimbiri rero Twahanye, Twakagize inkebuzo yotuma uducimbiri two mu micungararo n’utuzokurikira mu nyuma tudasubira gukoresha urwenge mu kurenga ku mabwirizwa, Tukagira n’inyigisho ku bagamburukiramana babayeho ico gihe n’inyuma y’aho.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦٓ إِنَّ ٱللَّهَ يَأۡمُرُكُمۡ أَن تَذۡبَحُواْ بَقَرَةٗۖ قَالُوٓاْ أَتَتَّخِذُنَا هُزُوٗاۖ قَالَ أَعُوذُ بِٱللَّهِ أَنۡ أَكُونَ مِنَ ٱلۡجَٰهِلِينَ
Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu bayo muri ba sogokuru banyu, iti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibategeka kubaga inka”. Na bo n’amanyama n’akantu bakishura bati: “Mbega uriko uraduteburako?”. Na yo ibishura yicisha bugufi iti: “Ndikinze ku Mana Allah ko noba mu bakehabwenge babeshera Imana Allah”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ ٱدۡعُ لَنَا رَبَّكَ يُبَيِّن لَّنَا مَا هِيَۚ قَالَ إِنَّهُۥ يَقُولُ إِنَّهَا بَقَرَةٞ لَّا فَارِضٞ وَلَا بِكۡرٌ عَوَانُۢ بَيۡنَ ذَٰلِكَۖ فَٱفۡعَلُواْ مَا تُؤۡمَرُونَ
Baraheza bavuga bati: “Dusabire Imana yawe Rurema Allah Idusobanurire ibiranga iyo nka”. Maze ibishura iti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibabwira Iti: “Ibiranga iyo nka, ntishaje, kandi si ishashi, ni iyiri hagati na hagati y’izo. Kubera ivyo rero, nimushire mu ngiro ivyo mutegetswe””.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ ٱدۡعُ لَنَا رَبَّكَ يُبَيِّن لَّنَا مَا لَوۡنُهَاۚ قَالَ إِنَّهُۥ يَقُولُ إِنَّهَا بَقَرَةٞ صَفۡرَآءُ فَاقِعٞ لَّوۡنُهَا تَسُرُّ ٱلنَّٰظِرِينَ
Baraheza barasubizayo bati: “Erega dusabire Imana yawe Rurema Allah Idutomorere neza uko isa!”. Na yo ibishura iti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibabwira ko iyo nka isa n’umuhondo uhishiye cane, ishajije, ibereye ijisho ku bayiraba”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ ٱدۡعُ لَنَا رَبَّكَ يُبَيِّن لَّنَا مَا هِيَ إِنَّ ٱلۡبَقَرَ تَشَٰبَهَ عَلَيۡنَا وَإِنَّآ إِن شَآءَ ٱللَّهُ لَمُهۡتَدُونَ
Barasubira kandi bati: “Dusabire Imana yawe Rurema Allah Yongere Idutomorere kurusha iyo nka iyo ari yo. Mu vy’ukuri, inka zatuzazaniye, na twe ku bushake bw’Imana Allah turipfuza gushika ku nka ikenewe”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ إِنَّهُۥ يَقُولُ إِنَّهَا بَقَرَةٞ لَّا ذَلُولٞ تُثِيرُ ٱلۡأَرۡضَ وَلَا تَسۡقِي ٱلۡحَرۡثَ مُسَلَّمَةٞ لَّا شِيَةَ فِيهَاۚ قَالُواْ ٱلۡـَٰٔنَ جِئۡتَ بِٱلۡحَقِّۚ فَذَبَحُوهَا وَمَا كَادُواْ يَفۡعَلُونَ
Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibishura iti: “Ni ukuri, Imana Allah Ibabwira ko iyo nka atari inka yororewe kurima canke kuvomera, ntigira agatosi na gato, ifise ibara rimwe ry’umuhondo ritarobetse”. Ni ko guca bavuga bati: “Ubu rero uzanye ukuri nya kuri”. Baraheza barayibaga. Bahatswe no kutabikora bitewe n’ukuntu izimvye.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ قَتَلۡتُمۡ نَفۡسٗا فَٱدَّٰرَٰءۡتُمۡ فِيهَاۖ وَٱللَّهُ مُخۡرِجٞ مَّا كُنتُمۡ تَكۡتُمُونَ
Bene Israyeli! Nimwibuke kandi n’igihe bamwe muri mwebwe bica umuntu, maze mugacanamwo murondera kumenya uwamwishe. Imana Allah Izogaragaza ivyo mwari mwahishije kw’iyicwa rya nya muntu.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَقُلۡنَا ٱضۡرِبُوهُ بِبَعۡضِهَاۚ كَذَٰلِكَ يُحۡيِ ٱللَّهُ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَيُرِيكُمۡ ءَايَٰتِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ
Ni ho rero Twaheza Tukababwira Duti: “Nimukubite uwapfuye n’ibihimba bimwe mu bihimba vy’iyo nka mwabaze, Imana Allah Ica Imusubiza ubuzima araheza ababwira uwamwishe. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah Izosubiza abapfuye ubuzima ku musi w’izuka, bakazuka. Ibereka n’ivyemezo vyerekana ubushobozi bwayo kugira ngo mutegere neza ububasha bwayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ قَسَتۡ قُلُوبُكُم مِّنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَ فَهِيَ كَٱلۡحِجَارَةِ أَوۡ أَشَدُّ قَسۡوَةٗۚ وَإِنَّ مِنَ ٱلۡحِجَارَةِ لَمَا يَتَفَجَّرُ مِنۡهُ ٱلۡأَنۡهَٰرُۚ وَإِنَّ مِنۡهَا لَمَا يَشَّقَّقُ فَيَخۡرُجُ مِنۡهُ ٱلۡمَآءُۚ وَإِنَّ مِنۡهَا لَمَا يَهۡبِطُ مِنۡ خَشۡيَةِ ٱللَّهِۗ وَمَا ٱللَّهُ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ
Mu nyuma y’aho rero, imitima yanyu ha kworoha, yacitse urutare ntiyumva ukuri, imera nk’amabuye canke irusha amabuye gukomera. Ni ukuri, mu mabuye harimwo ayoroshe kuruta imitima yanyu, ariyasa hagatembamwo inzuzi. Ni ukuri, muri yo harimwo ayasaduka hakavamwo iriba ry’amazi, muri yo harimwo n’ayahanantuka imusozi ku gutinya Imana Allah. Burya Imana Allah ntiyirengagiza ivyo mukora, Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ أَفَتَطۡمَعُونَ أَن يُؤۡمِنُواْ لَكُمۡ وَقَدۡ كَانَ فَرِيقٞ مِّنۡهُمۡ يَسۡمَعُونَ كَلَٰمَ ٱللَّهِ ثُمَّ يُحَرِّفُونَهُۥ مِنۢ بَعۡدِ مَا عَقَلُوهُ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ
Bemeramana! Mbega karashize ingani mwibagire akagagazo ka Bene Israyeli, muheze mwipfuze ko bokwemera Intumwa yanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi umugwi w’abamenyi muri bo wahora wumva amajambo y’Imana Allah muri Tawurati, hanyuma ukayahindura nk’uko wishakiye mu kuyasigura ukutari ko, inyuma y’aho utahuriye ukuri kurimwo kandi uzi n’uko urementaniriza Imana Allah!
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا لَقُواْ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ قَالُوٓاْ ءَامَنَّا وَإِذَا خَلَا بَعۡضُهُمۡ إِلَىٰ بَعۡضٖ قَالُوٓاْ أَتُحَدِّثُونَهُم بِمَا فَتَحَ ٱللَّهُ عَلَيۡكُمۡ لِيُحَآجُّوكُم بِهِۦ عِندَ رَبِّكُمۡۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Iyo bahuye n’abemeramana mu bislamu, babaha akarimi gasosa bati: “Twaremeye ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana nk’uko tubisanga muri Tawurati”. Iyo naho biherereye bonyene bakavuga bakeburana mu guhakana bati: “Mbega yemwe mubwira abislamu ivyo Imana Yabigishije muri Tawurati, vyemeza ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana, kugira ngo bazobatsindishe ingingo imbere y’Imana yanyu Rurema Allah! Ubwo ntimwogarura akenge ngo mwiyubare!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَوَلَا يَعۡلَمُونَ أَنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا يُسِرُّونَ وَمَا يُعۡلِنُونَ
Mbega ntibazi mu vy’ukuri ko Imana Allah Izi neza ivyo bagirira mu mpisho n’ivyo bagirira ku mugaragaro, n’uko kandi Izobibahembera!
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنۡهُمۡ أُمِّيُّونَ لَا يَعۡلَمُونَ ٱلۡكِتَٰبَ إِلَّآ أَمَانِيَّ وَإِنۡ هُمۡ إِلَّا يَظُنُّونَ
Burya mu bayahudi harimwo abatazi gusoma no kwandika, batazi n’ibiranga Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ibiri muri Tawurati kiretse ivyipfuzo n’irementanya. Kandi bo nta co bazi atari ugukekeranya gusa.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ يَكۡتُبُونَ ٱلۡكِتَٰبَ بِأَيۡدِيهِمۡ ثُمَّ يَقُولُونَ هَٰذَا مِنۡ عِندِ ٱللَّهِ لِيَشۡتَرُواْ بِهِۦ ثَمَنٗا قَلِيلٗاۖ فَوَيۡلٞ لَّهُم مِّمَّا كَتَبَتۡ أَيۡدِيهِمۡ وَوَيۡلٞ لَّهُم مِّمَّا يَكۡسِبُونَ
Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukwa barya bahindagura mu kwandika n’iminwe yabo ibiri muri Tawurati, hanyuma bakavuga bati: “Ng’ibi ibivuye ku Mana Allah”, kandi biteye kubiri n’ibiri muri yo, kugira ngo babigurishe ku giciro gito. Kubera ivyo rero, uguhanwa nya guhanwa ni ukw’abo ku kubera ivyanditswe n’iminwe yabo. Uguhanwa nya guhanwa ni ukw’abo ku vyo baronderera mw’iryo hindagurwa rya Tawurati.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالُواْ لَن تَمَسَّنَا ٱلنَّارُ إِلَّآ أَيَّامٗا مَّعۡدُودَةٗۚ قُلۡ أَتَّخَذۡتُمۡ عِندَ ٱللَّهِ عَهۡدٗا فَلَن يُخۡلِفَ ٱللَّهُ عَهۡدَهُۥٓۖ أَمۡ تَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Bene Israyeli bavuze bati: “Ntituzohanwa mu muriro kiretse imisi y’imparurwa (itarenga mirongo ine)”. Ntumwa y’Imana! Babeshuze maze ubabwire uti: “Mbega mwoba mwarahawe isezerano ry’Imana Allah ko Itazobahana kiretse ico kiringo, ku buryo Itazoca kubiri n’isezerano Yabahaye! Ahubwo rero mwebwe mubeshera Imana Allah ivyo mutazi”.
Arabic explanations of the Qur’an:
بَلَىٰۚ مَن كَسَبَ سَيِّئَةٗ وَأَحَٰطَتۡ بِهِۦ خَطِيٓـَٔتُهُۥ فَأُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Si nk’uko murementanya rero! Ahubwo ingingo y’Imana Allah ntiyigera ihinduka, ko hazohanwa abarondera gucumura bacumuye bagarariza, maze ivyaha vyabo bikabakikuza ku mpande zose, bagacika ababangikanyamana, abo rero, ni bo bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Na barya bemeye vy’ukuri Imana Allah n’Intumwa zayo, bagakora n’ivyiza bitegetswe, abo rero na bo nyene bazoshimirwa, ni bo bantu bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ أَخَذۡنَا مِيثَٰقَ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ لَا تَعۡبُدُونَ إِلَّا ٱللَّهَ وَبِٱلۡوَٰلِدَيۡنِ إِحۡسَانٗا وَذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَقُولُواْ لِلنَّاسِ حُسۡنٗا وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ ثُمَّ تَوَلَّيۡتُمۡ إِلَّا قَلِيلٗا مِّنكُمۡ وَأَنتُم مُّعۡرِضُونَ
Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano Duti: “Ntimwiyegereze mu gusenga kiretse Imana Imwe Rudende Allah, muheze mwubahe mwubahirize agateka k’abavyeyi babibarutse mu bugwaneza, mukorere n’ineza incuti mu miryango, impfuvyi hamwe rero n’abakene, mwongere mubwire abantu akajambo keza, mutsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, munatanga n’ishikanwa-bwirizwa”. Mu nyuma y’aho, mwahavuye mugenza umugongo ntimwubahiriza isezerano, kiretse bake muri mwebwe. Kandi mwashishikaye muvyirengagiza ku kagagazo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ أَخَذۡنَا مِيثَٰقَكُمۡ لَا تَسۡفِكُونَ دِمَآءَكُمۡ وَلَا تُخۡرِجُونَ أَنفُسَكُم مِّن دِيَٰرِكُمۡ ثُمَّ أَقۡرَرۡتُمۡ وَأَنتُمۡ تَشۡهَدُونَ
Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano ko mutazokwicana ngo musese amaraso hagati yanyu, n’uko mutazokwomorana mu zanyu, muraheza muravyemera muranavyemanga;
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ أَنتُمۡ هَٰٓؤُلَآءِ تَقۡتُلُونَ أَنفُسَكُمۡ وَتُخۡرِجُونَ فَرِيقٗا مِّنكُم مِّن دِيَٰرِهِمۡ تَظَٰهَرُونَ عَلَيۡهِم بِٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡعُدۡوَٰنِ وَإِن يَأۡتُوكُمۡ أُسَٰرَىٰ تُفَٰدُوهُمۡ وَهُوَ مُحَرَّمٌ عَلَيۡكُمۡ إِخۡرَاجُهُمۡۚ أَفَتُؤۡمِنُونَ بِبَعۡضِ ٱلۡكِتَٰبِ وَتَكۡفُرُونَ بِبَعۡضٖۚ فَمَا جَزَآءُ مَن يَفۡعَلُ ذَٰلِكَ مِنكُمۡ إِلَّا خِزۡيٞ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۖ وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ يُرَدُّونَ إِلَىٰٓ أَشَدِّ ٱلۡعَذَابِۗ وَمَا ٱللَّهُ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ
Hanyuma mwebwe nyene mu gihe c’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) muca kubiri n’iryo sezerano, muricana hagati yanyu, mwomora bamwe muri mwebwe mu zabo, mufashanya n’ababangikanyamana mu gukora ivyaha no mu kurenganya, bituma bamwe muri mwebwe bicwa, barasohorwa no mu zabo. Iyo abagizwe imbohe muri mwebwe baje babagana, murababohoza mwisunze inyigisho za Tawurati, kandi bibujijwe kuri mwebwe kubakura mu zabo. Mbega none ga ntuze, mwemera bimwe muri Tawurati; nko kubohoza imbohe z’indwano, mukagarariza ibindi; nko kwica no kwomorana mu zanyu! Mbega indishi y’abakora ivyo muri mwebwe yoba iyihe, atari ugusuzugurika mu buzima bwo kw’isi! Ku musi w’izuka naho bazoshirwa mu bihano bikomeye. Burya Imana Allah ntiyirengagiza ivyo mukora, Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ ٱشۡتَرَوُاْ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا بِٱلۡأٓخِرَةِۖ فَلَا يُخَفَّفُ عَنۡهُمُ ٱلۡعَذَابُ وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ
Abo ni bo rero biguze ubuzima buciriritse bwo kw’isi ha guhitamwo ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibazotezurirwa namba mu bihano ku musi w’izuka, eka mbere bobo ntibazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ وَقَفَّيۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِۦ بِٱلرُّسُلِۖ وَءَاتَيۡنَا عِيسَى ٱبۡنَ مَرۡيَمَ ٱلۡبَيِّنَٰتِ وَأَيَّدۡنَٰهُ بِرُوحِ ٱلۡقُدُسِۗ أَفَكُلَّمَا جَآءَكُمۡ رَسُولُۢ بِمَا لَا تَهۡوَىٰٓ أَنفُسُكُمُ ٱسۡتَكۡبَرۡتُمۡ فَفَرِيقٗا كَذَّبۡتُمۡ وَفَرِيقٗا تَقۡتُلُونَ
Ni ukuri, Twarahaye Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Tawurati, mu nyuma yayo Turungika izindi Ntumwa muri Bene Israyeli, Turaheza Duha Intumwa Isa (Yezu) mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibitangaro bigaragara vyemeza ko ari Intumwa y’Imana[11], Tumuteza intege Mutimamutagatifu Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Mbega none murakanagaye igihe cose haje Intumwa ibazaniye ivyo imitima yanyu itipfuza, mugagaze n’amanyama n’akantu! Zimwe muri zo mwarazigararije izindi na zo murazica.
[11] Nk’ukuvura uwavutse ari impumyi ku bushobozi bw’Imana Allah, uwavukanye indwara zo ku ruhu (urukoba) ku bushobozi bw’Imana Allah, gusubiza ubuzima abapfuye ku bushobozi bw’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالُواْ قُلُوبُنَا غُلۡفُۢۚ بَل لَّعَنَهُمُ ٱللَّهُ بِكُفۡرِهِمۡ فَقَلِيلٗا مَّا يُؤۡمِنُونَ
Bene Israyeli babwiye Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bigovyora bati: “Imitima yacu irugaye, ntiturota tukwemera”. Si nk’uko bibwira, ahubwo nyabuna Imana Allah Yaramaze kubavuma ku kubera ubugarariji bwabo. Burya ni na gake bemera ngo bibagirire akamaro.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَمَّا جَآءَهُمۡ كِتَٰبٞ مِّنۡ عِندِ ٱللَّهِ مُصَدِّقٞ لِّمَا مَعَهُمۡ وَكَانُواْ مِن قَبۡلُ يَسۡتَفۡتِحُونَ عَلَى ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَلَمَّا جَآءَهُم مَّا عَرَفُواْ كَفَرُواْ بِهِۦۚ فَلَعۡنَةُ ٱللَّهِ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ
Igihe Bene Israyeli bashikirizwa Igitabu ca Qor’ani kivuye ku Mana Allah gishimangira ivyo basanganwe muri Tawurati n’Injili, barakigararije barahakana n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi imbere y’aho bahora basaba Imana ko botsinda abagarariji bari kumwe n’Intumwa ya nyuma yimirije gushika. Iyo Ntumwa rero imaze kubashikira irangwa n’ivyo bari bazi muri Tawurati, barayigararije ku mvo z’uko itavuye muri bo. Abagarariji barakavumwa n’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
بِئۡسَمَا ٱشۡتَرَوۡاْ بِهِۦٓ أَنفُسَهُمۡ أَن يَكۡفُرُواْ بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ بَغۡيًا أَن يُنَزِّلَ ٱللَّهُ مِن فَضۡلِهِۦ عَلَىٰ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦۖ فَبَآءُو بِغَضَبٍ عَلَىٰ غَضَبٖۚ وَلِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٞ مُّهِينٞ
Ni bibi cane ivyo biguze bagahitamwo umuriro udahera, bitewe no kugarariza Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), no guhakana bivuye inyuma ivyo Imana Allah Yayimanuriye muri Qor’ani, kubera urwanko rw’akarenganyo rw’uko Imana Allah Yomanurira Qor’ani uwo Ishaka mu biremwa vyayo, atari muri Bene Israyeli. Kubera ivyo rero, bari bakwiye ishavu ry’Imana ryiyongera kw’ishavu ritewe no guhindagura ibiri muri Tawurati. Burya rero abagararije ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) barategekanirijwe ibihano bisuzuguza.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ ءَامِنُواْ بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ قَالُواْ نُؤۡمِنُ بِمَآ أُنزِلَ عَلَيۡنَا وَيَكۡفُرُونَ بِمَا وَرَآءَهُۥ وَهُوَ ٱلۡحَقُّ مُصَدِّقٗا لِّمَا مَعَهُمۡۗ قُلۡ فَلِمَ تَقۡتُلُونَ أَنۢبِيَآءَ ٱللَّهِ مِن قَبۡلُ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Iyo Abayahudi babwiwe bati: “Nimwemere ivyamanuwe n’Imana Allah muri Qor’ani”, bishura bati: “Twemera ivyamanuriwe Abavugishwamana barungitswe gusa muri twebwe”, bakagarariza Qor’ani yamanuwe mu nyuma yavyo mu gihe ari kwo kuri gushimangira ivyo bafise muri Tawurati. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “None ni kuki mwishe Abavugishwamana imbere yuko Qor’ani imanuka, nimwaba mwemera koko ivyo mwamanuriwe muri Tawurati!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَلَقَدۡ جَآءَكُم مُّوسَىٰ بِٱلۡبَيِّنَٰتِ ثُمَّ ٱتَّخَذۡتُمُ ٱلۡعِجۡلَ مِنۢ بَعۡدِهِۦ وَأَنتُمۡ ظَٰلِمُونَ
Ni ukuri, Umuvugishwamana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yarabazaniye ibitangaro bigaragara vyemeza ukuri kwiwe[12], hamwe n’ivyo rero mwafashe igishusho c’inyana y’inka mwibumbiye muragisenga mu nyuma y’aho Musa agiriye kw’isezerano ryo kuvugana n’Imana Allah, mu gihe mwari abirenganije mu gusenga ibintazi.
[12] Ivyo bitangaro bikaba vyari ibi bikurikira: ihinduka ry’inkoni ikaba inzoka amahanga, gusayangana kw’ikiganza mu gihe agikuye mu kwaha, itera ry’amapfa, ikeha ry’umwimbu w’ivyamwa, itera ry’imyuzurire y’amazi, itera ry’inzige, itera ry’udukoko turya ico ari co cose duhuye na co, itera ry’ibikere bikwiragiye hose n’ihinduka ry’ibinyobwa bigacika amaraso.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ أَخَذۡنَا مِيثَٰقَكُمۡ وَرَفَعۡنَا فَوۡقَكُمُ ٱلطُّورَ خُذُواْ مَآ ءَاتَيۡنَٰكُم بِقُوَّةٖ وَٱسۡمَعُواْۖ قَالُواْ سَمِعۡنَا وَعَصَيۡنَا وَأُشۡرِبُواْ فِي قُلُوبِهِمُ ٱلۡعِجۡلَ بِكُفۡرِهِمۡۚ قُلۡ بِئۡسَمَا يَأۡمُرُكُم بِهِۦٓ إِيمَٰنُكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Bene Israyeli! Nimwibuke n’igihe Twabaha isezerano ko muzokwubahiriza ibiri muri Tawurati, Tukarerura hejuru yanyu umusozi Sinayi, Tukababwira Duti: “Nimufate nkama ivyo Twabategetse muri Tawurati, maze muvyumve muvyubahirize Tutarabakororerako uwo musozi”. Bavuze bigovyora bati: “Twumvise ijambo ryawe, tugararije itegeko ryawe”. Bavuze ukwo kubera imitima yabo yari irajwe ishinga no gusenga igishusho c’inyana y’inka bibumbiye bitewe no kugarariza. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ni bibi cane ivyo mutegekwa n’ukwemera kwanyu nimwaba mwemera ivyo mwamanuriwe n’Imana Allah”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ إِن كَانَتۡ لَكُمُ ٱلدَّارُ ٱلۡأٓخِرَةُ عِندَ ٱللَّهِ خَالِصَةٗ مِّن دُونِ ٱلنَّاسِ فَتَمَنَّوُاْ ٱلۡمَوۡتَ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira Abayahudi uti: “Nimwaba mufise Ubwami bw’ijuru bwanyu bwite ku Mana Allah, mugenewe mwebwe gusa ata bandi bantu barimwo, nimwipfuze rero urupfu maze mupfe, mubwinjire nimwaba muri imvugakuri!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَن يَتَمَنَّوۡهُ أَبَدَۢا بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيهِمۡۚ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِٱلظَّٰلِمِينَ
Emwee! Ntibazokwigera bipfuza urupfu na rimwe kuko bazi neza ukuri kw’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), n’uko bo barementanya ku kubera ubugarariji bakoze. Burya rero Imana Allah Irazi neza abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, kandi Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَتَجِدَنَّهُمۡ أَحۡرَصَ ٱلنَّاسِ عَلَىٰ حَيَوٰةٖ وَمِنَ ٱلَّذِينَ أَشۡرَكُواْۚ يَوَدُّ أَحَدُهُمۡ لَوۡ يُعَمَّرُ أَلۡفَ سَنَةٖ وَمَا هُوَ بِمُزَحۡزِحِهِۦ مِنَ ٱلۡعَذَابِ أَن يُعَمَّرَۗ وَٱللَّهُ بَصِيرُۢ بِمَا يَعۡمَلُونَ
Ni ukuri, uzobasanga bahurumbira cane ubuzima bwo kw’isi uko buri kwose, mbere bakabuhurumbira gusumba kurya buhurumbirwa n’ababangikanyamana. Umwe wese muri bo rero yipfuza ko yoramba akabaho imyaka igihumbi, kandi n’aho yoramba iyo myaka, ntibizomubuza guhanwa. Burya rero Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, kandi Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ مَن كَانَ عَدُوّٗا لِّـجِبۡرِيلَ فَإِنَّهُۥ نَزَّلَهُۥ عَلَىٰ قَلۡبِكَ بِإِذۡنِ ٱللَّهِ مُصَدِّقٗا لِّمَا بَيۡنَ يَدَيۡهِ وَهُدٗى وَبُشۡرَىٰ لِلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Vuga wishure abayahudi ku kwibwira kwabo ko umumalayika Jibrili ari umwansi wabo, uti: “Uwuzoba umwansi w’umumalayika Jibrili, namenye ko mu vy’ukuri uyo mumalayika yamanuye Qor’ani mu mushaha wawe kw’itegeko ry’Imana Allah, ishimangira ukuri kuri mu Bitabu vy’aho hambere yayo, ni n’uburongozi ikaba n’inkuru nziza ku bemeramana.
Arabic explanations of the Qur’an:
مَن كَانَ عَدُوّٗا لِّلَّهِ وَمَلَٰٓئِكَتِهِۦ وَرُسُلِهِۦ وَجِبۡرِيلَ وَمِيكَىٰلَ فَإِنَّ ٱللَّهَ عَدُوّٞ لِّلۡكَٰفِرِينَ
Uwuzoba umwansi w’Imana Allah n’abamalayika bayo, n’Intumwa zayo mu bamalayika no mu bantu, na canecane abamalayika Jibrili na Mikayeli[13], namenye ko Imana Allah ari Umwansi w’abagararije ivyahishuwe muri Qor’ani”.
[13] Abayahudi bibwira ko Jibrili ari umwansi wabo n’uko Mikayeli ari umuhagarikizi wabo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَقَدۡ أَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ ءَايَٰتِۭ بَيِّنَٰتٖۖ وَمَا يَكۡفُرُ بِهَآ إِلَّا ٱلۡفَٰسِقُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twarakumanuriye Aayah n’ivyemezo bitomoye vyemeza ko wewe Muhamadi uri Umuvugishwamana vy’ukuri, ku buryo atawubigarariza atari ibigaba bica kubiri n’idini ry’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَوَكُلَّمَا عَٰهَدُواْ عَهۡدٗا نَّبَذَهُۥ فَرِيقٞ مِّنۡهُمۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Mbega none igihe cose abayahudi batanze isezerano bakwiye kwubahiriza, muri bo hazokwama havamwo umugwi wihindukize kuri ryo, urihonyange! Ahubwo rero abenshi muri bo ntibemera ivyo Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَمَّا جَآءَهُمۡ رَسُولٞ مِّنۡ عِندِ ٱللَّهِ مُصَدِّقٞ لِّمَا مَعَهُمۡ نَبَذَ فَرِيقٞ مِّنَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ كِتَٰبَ ٱللَّهِ وَرَآءَ ظُهُورِهِمۡ كَأَنَّهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Igihe bashikirwa n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ibazaniye Igitabu ca Qor’ani kivuye ku Mana Allah, gishimangira ivyo bafise muri Tawurati, umugwi w’abamenyi bahawe Igitabu muri bo warihindukije, ushira Igitabu Qor’ani c’Imana Allah inyuma y’umugongo ntiwakurikiza ibirimwo nk’aho boba ata na kimwe bakiziko.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱتَّبَعُواْ مَا تَتۡلُواْ ٱلشَّيَٰطِينُ عَلَىٰ مُلۡكِ سُلَيۡمَٰنَۖ وَمَا كَفَرَ سُلَيۡمَٰنُ وَلَٰكِنَّ ٱلشَّيَٰطِينَ كَفَرُواْ يُعَلِّمُونَ ٱلنَّاسَ ٱلسِّحۡرَ وَمَآ أُنزِلَ عَلَى ٱلۡمَلَكَيۡنِ بِبَابِلَ هَٰرُوتَ وَمَٰرُوتَۚ وَمَا يُعَلِّمَانِ مِنۡ أَحَدٍ حَتَّىٰ يَقُولَآ إِنَّمَا نَحۡنُ فِتۡنَةٞ فَلَا تَكۡفُرۡۖ فَيَتَعَلَّمُونَ مِنۡهُمَا مَا يُفَرِّقُونَ بِهِۦ بَيۡنَ ٱلۡمَرۡءِ وَزَوۡجِهِۦۚ وَمَا هُم بِضَآرِّينَ بِهِۦ مِنۡ أَحَدٍ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ وَيَتَعَلَّمُونَ مَا يَضُرُّهُمۡ وَلَا يَنفَعُهُمۡۚ وَلَقَدۡ عَلِمُواْ لَمَنِ ٱشۡتَرَىٰهُ مَا لَهُۥ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ مِنۡ خَلَٰقٖۚ وَلَبِئۡسَ مَا شَرَوۡاْ بِهِۦٓ أَنفُسَهُمۡۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ
Abayahudi bakurikije ivyo amashetani yabwira abarozi n'abapfumu mu bantu, igihe c’ubwami bw’Intumwa Sulayimani (nyakugira amahoro y’Imana Allah), bibaza ko ikoreshwa ry’umuyaga n’amajini ico gihe vyari vyavuye ku mvo z’uburozi. Ntibikabe! Intumwa y’Imana Sulayimani ntiyagararije, nta n’uburozi yigeze yiga, mugabo amashetani ni yo yagararije Imana Allah mu kwigisha abantu uburozi. Babigisha n’ivyamanuriwe abamalayika “Haaruti” na “Maaruti” ahitwa “Baabili” muri Iraki kugira ngo Imana Allah Igerageze ibiremwa, kandi nya bamalayika nta n’umwe bigisha batabanje kumwihaniza bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi ikigeragezo ntugararize mu kwiga uburozi ngo uhave wumvira shetani”. Abantu rero baraheza bariga ivyokoreshwa mu gutandukanya umuntu n’umukenyezi wiwe. Burya abarozi, bobo nta bushobozi bafise bwo kugirira nabi umuntu n’umwe, kiretse ku bushake bw’Imana Allah. Ni uko rero, bahavuye biga ibibagirira ingaruka mbi mu kwemera, eka mbere nta n’ico bibungura kw’isi. Ni ukuri, Abayahudi baramenye ko uwuhisemwo kuroga yirengagije ukuri, ata mugabane w’ivyiza azoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kandi rero, ni bibi cane ivyo biguze mu guhitamwo kuroga no kugarariza ha guhitamwo ukwemera ukuri no gukurikira Intumwa. Iyo rero baba bazi neza ibihano bibarindiriye, ntibari kugarariza.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَوۡ أَنَّهُمۡ ءَامَنُواْ وَٱتَّقَوۡاْ لَمَثُوبَةٞ مِّنۡ عِندِ ٱللَّهِ خَيۡرٞۚ لَّوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ
Iyo Abayahudi bemera bakanatinya ibihano vy’Imana Allah, bari kumenya ko indishi ivuye ku Mana Allah ari yo nziza cane gusumba uburozi n’ico babukuramwo. Iyo rero baba bazi ivyo, bari kwemera vy’ukuri.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَقُولُواْ رَٰعِنَا وَقُولُواْ ٱنظُرۡنَا وَٱسۡمَعُواْۗ وَلِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٌ أَلِيمٞ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukavuge mu gusaba Intumwa y’Imana ko ibitwararika mu nyigisho, mukoresheje ijambo “Raa’inaa” kuko ari igitutsi mu mvugo y’abayahudi, ahubwo muravuga muti: “Undhu-rnaa” (dutumbere kugira ngo tugutahure neza gusumba), muheze kandi rero mutege amatwi mwumvirize inyigisho muhabwa. Abagarariji na bo barategekanirijwe ibihano bibabaza.
Arabic explanations of the Qur’an:
مَّا يَوَدُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنۡ أَهۡلِ ٱلۡكِتَٰبِ وَلَا ٱلۡمُشۡرِكِينَ أَن يُنَزَّلَ عَلَيۡكُم مِّنۡ خَيۡرٖ مِّن رَّبِّكُمۡۚ وَٱللَّهُ يَخۡتَصُّ بِرَحۡمَتِهِۦ مَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ ذُو ٱلۡفَضۡلِ ٱلۡعَظِيمِ
Kubera urwanko abagararije mu bahawe Igitabu n’ababangikanyamana babafitiye, ntibipfuza ko Imana yanyu Rurema Allah Ibamanurira ineza iyo ari yo yose; yaba Qor’ani canke izindi mpano. Burya Imana Allah Iha ubutumwa uwo Ishatse ku mpuhwe zayo. Burya kandi rero Imana Allah ni Yo Nyenimpano nyinshi zihambaye.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ مَا نَنسَخۡ مِنۡ ءَايَةٍ أَوۡ نُنسِهَا نَأۡتِ بِخَيۡرٖ مِّنۡهَآ أَوۡ مِثۡلِهَآۗ أَلَمۡ تَعۡلَمۡ أَنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ
Twebwe Allah ntiduhindura Aayah canke ngo Tuyibagize burundu ntibe igisomwa, kiretse ko Duca Tuyisubiriza iyindi Aayah ifitiye abantu akamaro kurusha, canke Tukayisubiriza iyindi nkayo ibafitiye akamaro n’indishi nyinshi. Muvugishwamana! Mbega nturamenya wewe n’abo warungitsweko ko Imana Allah ari Mushoboravyose!
Arabic explanations of the Qur’an:
أَلَمۡ تَعۡلَمۡ أَنَّ ٱللَّهَ لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ وَمَا لَكُم مِّن دُونِ ٱللَّهِ مِن وَلِيّٖ وَلَا نَصِيرٍ
Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye wewe n’abo warungitsweko ko Imana Allah ari Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Ikora ivyo Ishatse ku neza y’ibiremwa! Bantu mugabitanya ku Mana Allah! Nimumenye ko ata n’umwe mworonka atari Imana Allah yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, eka mbere nta n’uwobatabara akabakingira ibihano vyayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَمۡ تُرِيدُونَ أَن تَسۡـَٔلُواْ رَسُولَكُمۡ كَمَا سُئِلَ مُوسَىٰ مِن قَبۡلُۗ وَمَن يَتَبَدَّلِ ٱلۡكُفۡرَ بِٱلۡإِيمَٰنِ فَقَدۡ ضَلَّ سَوَآءَ ٱلسَّبِيلِ
Bantu! Ahubwo mushaka gusaba Intumwa yanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ibintu vy’amananiza ku kagagazo gusa, nk’uko Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yasabwe ibintu vy’amananiza aho hambere, ngo twereke Imana Allah ukuri kwamye. Nimumenye rero ko uwiguze ubugarariji ha kwemera, ni ukuri aba yahuvye inzira igororotse uguhuba nya guhuba.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَدَّ كَثِيرٞ مِّنۡ أَهۡلِ ٱلۡكِتَٰبِ لَوۡ يَرُدُّونَكُم مِّنۢ بَعۡدِ إِيمَٰنِكُمۡ كُفَّارًا حَسَدٗا مِّنۡ عِندِ أَنفُسِهِم مِّنۢ بَعۡدِ مَا تَبَيَّنَ لَهُمُ ٱلۡحَقُّۖ فَٱعۡفُواْ وَٱصۡفَحُواْ حَتَّىٰ يَأۡتِيَ ٱللَّهُ بِأَمۡرِهِۦٓۗ إِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Bemeramana! Ku kubera ishari abenshi mu bahawe Igitabu babafitiye, bipfuza ko bobagarura mu bahakanyi mukava mu bwislamu inyuma y’ukwemera kwanyu, ivyo bakavyipfuza inyuma y’aho ukuri kubatomokeye ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’Imana vy’ukuri. Kubera ivyo rero, nimubaharire kw’ibana ribi ryabo, mubababarire, munabirengagize mu kurindira ko Imana Allah Izana itegeko ryayo ribarekurira guhangana na bo ku rugamba, kugira ibahanire ibibi bakora. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَۚ وَمَا تُقَدِّمُواْ لِأَنفُسِكُم مِّنۡ خَيۡرٖ تَجِدُوهُ عِندَ ٱللَّهِۗ إِنَّ ٱللَّهَ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ
Mwongere mutsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, munatange n’ishikanwa-bwirizwa. Mumenye kandi n’uko iciza cose mukora ku neza yanyu, muzosanga indishi yaco ku Mana Allah ku musi w’impera. Mu vy’ukuri rero, Imana Allah Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالُواْ لَن يَدۡخُلَ ٱلۡجَنَّةَ إِلَّا مَن كَانَ هُودًا أَوۡ نَصَٰرَىٰۗ تِلۡكَ أَمَانِيُّهُمۡۗ قُلۡ هَاتُواْ بُرۡهَٰنَكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Abayahudi n’abanaswara bavuze ngo nta wuzokwinjira mu Bwami bw’ijuru kiretse uwabaye Umuyahudi canke umunaswara. Ivyo ni ivyipfuzo vyabo bitagira ishimikiro namba. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Enda rero nimuzane icemezo canyu ku vyo muvuga nimwaba muri imvugakuri”.
Arabic explanations of the Qur’an:
بَلَىٰۚ مَنۡ أَسۡلَمَ وَجۡهَهُۥ لِلَّهِ وَهُوَ مُحۡسِنٞ فَلَهُۥٓ أَجۡرُهُۥ عِندَ رَبِّهِۦ وَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Si nk’uko biyumvira rero, ahubwo abazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ni barya bose bazokwicisha bugufi bakeza n’ivyo bakora ku bw’Imana Allah, maze bagakurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Abo rero indishi yabo y’Ubwami bw’ijuru bazoyisanga ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَتِ ٱلۡيَهُودُ لَيۡسَتِ ٱلنَّصَٰرَىٰ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَقَالَتِ ٱلنَّصَٰرَىٰ لَيۡسَتِ ٱلۡيَهُودُ عَلَىٰ شَيۡءٖ وَهُمۡ يَتۡلُونَ ٱلۡكِتَٰبَۗ كَذَٰلِكَ قَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَ مِثۡلَ قَوۡلِهِمۡۚ فَٱللَّهُ يَحۡكُمُ بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ
Abayahudi n’abanaswara baratanyeko umwikomo, Abayahudi bati: “Abanaswara nta kuri barimwo”. Abanaswara na bo bati: “Abayahudi nta kuri barimwo”. Kandi umugwi wose muri bo usoma Igitabu cawo ko ari ngombwa kwemera Intumwa zose. Ni nk’uko nyene abatagira ubumenyi mu babangikanyamana bavuze ko uwuri mw’idini iryo ari ryo ryose na we nyene ata kuri arimwo, kubera iryo hazana rero hagati yabo. Burya rero Imana Allah ku musi w’izuka, Izoheza Ibacire urutunganye rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo bahora bahazanako mw’idini, maze Ihembere umugwi wose ibikwiranye n’ivyo wakoze.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن مَّنَعَ مَسَٰجِدَ ٱللَّهِ أَن يُذۡكَرَ فِيهَا ٱسۡمُهُۥ وَسَعَىٰ فِي خَرَابِهَآۚ أُوْلَٰٓئِكَ مَا كَانَ لَهُمۡ أَن يَدۡخُلُوهَآ إِلَّا خَآئِفِينَۚ لَهُمۡ فِي ٱلدُّنۡيَا خِزۡيٞ وَلَهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ عَذَابٌ عَظِيمٞ
Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwubuza ko haninahazwa izina ry’Imana Allah mu gusoma Qor’ani no gusengera mu misigiti yayo, akagira uko ashoboye kwose mu kuyisenyura; mu kuyugara canke kubuza abemeramana kuyisengeramwo. Abo rero ntibari kuyinjira kiretse mu gihe batekewe n’ubwoba ku gutinya guhanwa n’Imana Allah. Baragenewe igihano co gusuzugurika kw’isi, kandi bategekanirijwe n’ibihano bihambaye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلِلَّهِ ٱلۡمَشۡرِقُ وَٱلۡمَغۡرِبُۚ فَأَيۡنَمَا تُوَلُّواْ فَثَمَّ وَجۡهُ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ وَٰسِعٌ عَلِيمٞ
Imana Allah ni Yo Igaba Ikaganza ubuseruko n’uburengero n’ibiri hagati yavyo. Aho ari ho hose mutumbereye kw’itegeko ry’Imana Allah mu gusenga, haba ari bwo butumbero bushimishije Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeningabirano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱللَّهُ وَلَدٗاۗ سُبۡحَٰنَهُۥۖ بَل لَّهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ كُلّٞ لَّهُۥ قَٰنِتُونَ
Abayahudi, abanaswara hamwe n’ababangikanyamana barakanagaye bavuga bati: “Imana Allah Yarigeneye umwana[14]!”. Nininahazwe, ntikitirirwe umwana! Ahubwo ibiri mu majuru no mw’isi vyose ni ibiremwa vyayo, ni Yo Mugabe wavyo, kandi vyose vyicisha bugufi imbere yayo;
[14] Abayahudi bavuga bati: “Uzayiri ni umwana w’Imana”. Abanaswara na bo bati: “Masihi Isa mwene Mariyamu, ni umwana w’Imana”. Ababangikanyamana na bo bati: "Abamalayika, ni abakobwa b'Imana Allah".
Arabic explanations of the Qur’an:
بَدِيعُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ وَإِذَا قَضَىٰٓ أَمۡرٗا فَإِنَّمَا يَقُولُ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ
Ni Yo Muremyi w’amajuru n’isi, n’iyo Ishatse gutegeka ko ikintu ico ari co cose kiba, Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَ لَوۡلَا يُكَلِّمُنَا ٱللَّهُ أَوۡ تَأۡتِينَآ ءَايَةٞۗ كَذَٰلِكَ قَالَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِم مِّثۡلَ قَوۡلِهِمۡۘ تَشَٰبَهَتۡ قُلُوبُهُمۡۗ قَدۡ بَيَّنَّا ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يُوقِنُونَ
Abatagira ubumenyi mu bahawe Igitabu no mu babangikanyamana babwiye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku kagagazo, bati: “Ese Imana Allah iyo Ipfuma Ituvugisha Ikatubwira ko wewe uri Intumwa yayo, canke tukaronka igitangaro gifadika kivyemeza!”. Ni nk’uko nyene rero n’abagarariji b’aho hambere babwiye Intumwa barungikiwe kuko imitima yabo bose isusa mu buhakanyi. Mu vy’ukuri, Twaramaze gutomorera neza abemera ata gukekeranya, Aayah n’ivyemezo vyerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’Imana.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّآ أَرۡسَلۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ بَشِيرٗا وَنَذِيرٗاۖ وَلَا تُسۡـَٔلُ عَنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلۡجَحِيمِ
Ntumwa y’Imana ! Mu vy’ukuri, Twakurungikanye idini ry’ukuri kugira ushikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, wongere ugabishe abagarariji ku bihano vy’umuriro bibarindiriye. Kandi rero inyuma y’iryo rarikiramana, nta co uzobazwa ku bantu bo mu muriro ururumba.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَن تَرۡضَىٰ عَنكَ ٱلۡيَهُودُ وَلَا ٱلنَّصَٰرَىٰ حَتَّىٰ تَتَّبِعَ مِلَّتَهُمۡۗ قُلۡ إِنَّ هُدَى ٱللَّهِ هُوَ ٱلۡهُدَىٰۗ وَلَئِنِ ٱتَّبَعۡتَ أَهۡوَآءَهُم بَعۡدَ ٱلَّذِي جَآءَكَ مِنَ ٱلۡعِلۡمِ مَا لَكَ مِنَ ٱللَّهِ مِن وَلِيّٖ وَلَا نَصِيرٍ
Ntumwa y’Imana! Abayahudi n’abanaswara ntibazokwigera bakwishimira namba, kiretse hamwe wokurikira idini ryabo ukavavanura n’idini ryawe ry’ubwislamu. Babwire uti: “Uburongozi bw’Imana Allah muri Qor’ani ni bwo burongozi bw’idini ry’ukuri”. Niwahirahira rero ugakurikira ivyipfuzo vyabo kandi waramaze guhishurirwa Qor’ani, nta muhagarikizi n’umwe uzoronka agukura mu bihano vy’Imana Allah, eka mbere nta n’uwogutabara mu kugukingira nya bihano uzoronka[15].
[15] Iyi ngingo n’aho yavuzwe itumberejwe ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imama Allah), iraba n’abo yarungitsweko.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَتۡلُونَهُۥ حَقَّ تِلَاوَتِهِۦٓ أُوْلَٰٓئِكَ يُؤۡمِنُونَ بِهِۦۗ وَمَن يَكۡفُرۡ بِهِۦ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ
Abayahudi n’abanaswara Twahaye Igitabu bakagisoma ukuri kwo kugisoma, bakagikurikiza uko bitegetswe ata co bahinduye mu kwemera Intumwa zose, ata n’ico bongeyemwo, abo ni bo bemera vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakemera n’ivyo yahishuriwe. Nayo abahindagura canke bakanyegeza ibiri muri nya Gitabu, abo ni bo bagarariza iyo Ntumwa hamwe n’ivyo yahishuriwe. Abo rero ni bo bahomvye ubuzima bwabo bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱذۡكُرُواْ نِعۡمَتِيَ ٱلَّتِيٓ أَنۡعَمۡتُ عَلَيۡكُمۡ وَأَنِّي فَضَّلۡتُكُمۡ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Emwe Bene Israyeli! Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwongere mwibuke ko mu gihe canyu Nabateye iteka gusumba abandi, mu kurungikwa muri mwebwe Abavugishwamana benshi no guhabwa Ibitabu vya Tawurati n’Injili;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱتَّقُواْ يَوۡمٗا لَّا تَجۡزِي نَفۡسٌ عَن نَّفۡسٖ شَيۡـٔٗا وَلَا يُقۡبَلُ مِنۡهَا عَدۡلٞ وَلَا تَنفَعُهَا شَفَٰعَةٞ وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ
Maze mwikingire ibihano vyo ku musi w’izurwa ry’ibiremwa, aho umuntu ata co azomarira uwundi, nta n’ico kwigomboza mu bihano azokwemererwa gutanga, n’aho yotanga amatungo y’isi yose, eka mbere nta n’ivugirwa rizogira ico rimumariye, eka mbere bobo ntibazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَإِذِ ٱبۡتَلَىٰٓ إِبۡرَٰهِـۧمَ رَبُّهُۥ بِكَلِمَٰتٖ فَأَتَمَّهُنَّۖ قَالَ إِنِّي جَاعِلُكَ لِلنَّاسِ إِمَامٗاۖ قَالَ وَمِن ذُرِّيَّتِيۖ قَالَ لَا يَنَالُ عَهۡدِي ٱلظَّٰلِمِينَ
Muvugishwamana! Ibuka igihe Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yageragezwa n’Imana yiwe Rurema Allah, Ikamuha amabwirizwa, maze na we arayubahiriza vy’ukuri nk’uko yayahawe. Ni ho rero Imana Yamubwira Iti: “Ngira Ndakugire indongozi y’akarorero ku bantu bose mu kwemera”. Na we aca asaba ati: “No mu ruvyaro rwanje nyene Uragiramwo indongozi”. Imana Allah Imwishura Iti: “Iri sezerano ryanje ryo kuba indongozi mu kwemera, ntirizoshikira abirenganya”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ جَعَلۡنَا ٱلۡبَيۡتَ مَثَابَةٗ لِّلنَّاسِ وَأَمۡنٗا وَٱتَّخِذُواْ مِن مَّقَامِ إِبۡرَٰهِـۧمَ مُصَلّٗىۖ وَعَهِدۡنَآ إِلَىٰٓ إِبۡرَٰهِـۧمَ وَإِسۡمَٰعِيلَ أَن طَهِّرَا بَيۡتِيَ لِلطَّآئِفِينَ وَٱلۡعَٰكِفِينَ وَٱلرُّكَّعِ ٱلسُّجُودِ
Muvugishwamana! Ibuka n’igihe Twagira ingoro ntagatifu “Al-Ka’ba” ahantu abantu bahurumbira ata kudebukirwa, barondera indishi mu gihe c’ishengerera n’igendera ry’iyo ngoro, batekanye batekaniwe. Maze Tubabwiriza Duti: “Muragira rero ubuhagararo bw’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) aho gusengera”. Twaranahishuriye Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), maze Tumutegeka we hamwe n’umuhungu wiwe Ismayili Duti: “Nimusukure ingoro yanje ntagatifu ntirangwemwo n’igihumanya na kimwe, ubukozi bw’ikibi n’ibigirwamana, kugira ngo hakikurwe n’abakikura, abaje kwiyegurira Imana Allah, hamwe rero n’abasenga bunama bubama”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِـۧمُ رَبِّ ٱجۡعَلۡ هَٰذَا بَلَدًا ءَامِنٗا وَٱرۡزُقۡ أَهۡلَهُۥ مِنَ ٱلثَّمَرَٰتِ مَنۡ ءَامَنَ مِنۡهُم بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۚ قَالَ وَمَن كَفَرَ فَأُمَتِّعُهُۥ قَلِيلٗا ثُمَّ أَضۡطَرُّهُۥٓ إِلَىٰ عَذَابِ ٱلنَّارِۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ
Niwibuke kandi igihe Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yavuga asaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Ugire Makka igisagara gitekanye gitekaniwe, Wongere Uhe bene co ivyamwa bitandukanye, na canecane abemera gusa muri bo, Imana Allah n’umusi w’imperuka”. Maze Imana Allah Iramwishura Iti: “N’uwuzogarariza muri bo Nzomuhako, maze Ndamuhe kuryoherwa gato kw’isi, hanyuma Ndamukwegere mu bihano vy’umuriro. Ayo rero, ni yo maherezo mabi cane.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ يَرۡفَعُ إِبۡرَٰهِـۧمُ ٱلۡقَوَاعِدَ مِنَ ٱلۡبَيۡتِ وَإِسۡمَٰعِيلُ رَبَّنَا تَقَبَّلۡ مِنَّآۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Ibuka n’igihe Ibrahimu na Ismayili (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah) baduza inkingi z’ingoro ntagatifu “Al-Ka’ba” bariko batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twakirire iki gikorwa n’igisabisho cacu. Mu vy’ukuri, ni Wewe rero Nyenukwumva, Urumva ivyo tuvuga, Nyenubumenyikurivyose, Urazi n’ivyo duhisha mu mishaha;
Arabic explanations of the Qur’an:
رَبَّنَا وَٱجۡعَلۡنَا مُسۡلِمَيۡنِ لَكَ وَمِن ذُرِّيَّتِنَآ أُمَّةٗ مُّسۡلِمَةٗ لَّكَ وَأَرِنَا مَنَاسِكَنَا وَتُبۡ عَلَيۡنَآۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ
Mana yacu Rurema Allah! Tugire abislamu bicisha bugufi imbere yawe, no mu ruvyaro rwacu Ugire umugwi wicisha bugufi, ukugamburukira, Utwereke imigirwa yacu n’aho itegetswe mu gihe co gushengerera ingoro yawe ntagatifu, Wongere Utubabarire. Mu vy’ukuri, Wewe Urumvira abatakamba mu biremwa, Uri Nyenimbabazi ku batoni bawe;
Arabic explanations of the Qur’an:
رَبَّنَا وَٱبۡعَثۡ فِيهِمۡ رَسُولٗا مِّنۡهُمۡ يَتۡلُواْ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتِكَ وَيُعَلِّمُهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَيُزَكِّيهِمۡۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Mana yacu Rurema Allah! Urarungika muri bo Intumwa ivuye mu ruvyaro rwa Ismayili, ibasomera Aayah zawe ikongera ikabigisha Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo yayo “Sunnah”, inabeze ivyaha vy’ibangikanyamana n’ingeso mbi zose. Mu vy’ukuri, ni na Wewe rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَن يَرۡغَبُ عَن مِّلَّةِ إِبۡرَٰهِـۧمَ إِلَّا مَن سَفِهَ نَفۡسَهُۥۚ وَلَقَدِ ٱصۡطَفَيۡنَٰهُ فِي ٱلدُّنۡيَاۖ وَإِنَّهُۥ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ لَمِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Nta wirengagiza rero idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa kiretse ikijuju kitiyizi ico kiri. Ni ukuri Twaratoye Ibrahimu kuba Umuvugishwamana akongera akaba n’Intumwa kw’isi, kandi mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri azoba ari mu beranda bubashwe;
Arabic explanations of the Qur’an:
إِذۡ قَالَ لَهُۥ رَبُّهُۥٓ أَسۡلِمۡۖ قَالَ أَسۡلَمۡتُ لِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ivyo bigaterwa n’ubugamburutsi bwiwe igihe Imana yiwe Rurema Allah Yamubwira Iti: “Tsimbatara kw’idini ry’ubwislamu” ; na we akishura ati: “Naramaze kuba umwislamu nicisha bugufi mu gusenga Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَوَصَّىٰ بِهَآ إِبۡرَٰهِـۧمُ بَنِيهِ وَيَعۡقُوبُ يَٰبَنِيَّ إِنَّ ٱللَّهَ ٱصۡطَفَىٰ لَكُمُ ٱلدِّينَ فَلَا تَمُوتُنَّ إِلَّا وَأَنتُم مُّسۡلِمُونَ
Ni iryo ragi rero Ibrahimu yaraze abana biwe ko botsimbatara ku bwislamu, rikaba ari na ryo ragi nyene Yakubu batazira Israyeli yaraze uruvyaro rwiwe ati: “Bane banje! Mu vy’ukuri, Imana Allah Yarabahitiyemwo idini ry’ubwislamu, muraritsimbatarako mu buzima bwanyu bwose, ntimuzopfe mutari abislamu”.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَمۡ كُنتُمۡ شُهَدَآءَ إِذۡ حَضَرَ يَعۡقُوبَ ٱلۡمَوۡتُ إِذۡ قَالَ لِبَنِيهِ مَا تَعۡبُدُونَ مِنۢ بَعۡدِيۖ قَالُواْ نَعۡبُدُ إِلَٰهَكَ وَإِلَٰهَ ءَابَآئِكَ إِبۡرَٰهِـۧمَ وَإِسۡمَٰعِيلَ وَإِسۡحَٰقَ إِلَٰهٗا وَٰحِدٗا وَنَحۡنُ لَهُۥ مُسۡلِمُونَ
Mbega mwa Bayahudi mwe! Mwoba mwari ivyabona igihe Yakubu yari ku mpfiro, igihe yegeranya abana biwe maze akabaraga ababaza ati: “Mbega bane banje, mu nyuma zanje muzosenga iki?”, maze na bo barishura bati: “Tuzosenga Imana yawe, Ikaba ari na Yo Mana y’abavyeyi bawe: Ibrahimu, Ismayili na Is-haka; Imana Imwe Rudende, kandi twebwe kuri Yo turi abislamu twicisha bugufi mu kuyisenga tutayibangikanya”.
Arabic explanations of the Qur’an:
تِلۡكَ أُمَّةٞ قَدۡ خَلَتۡۖ لَهَا مَا كَسَبَتۡ وَلَكُم مَّا كَسَبۡتُمۡۖ وَلَا تُسۡـَٔلُونَ عَمَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Uwo rero ni umugwi w’abakurambere banyu mu kwemera bamaze kurengana, bafise ivyiza barondeye, na mwe nyene mufise ivyiza canke ibibi mwarondeye, kandi ntimuzobazwa ku bikorwa bari barakoze, eka mbere na bo nyene ntibazobazwa ku bikorwa mwakoze[16].
[16] Iyi Aayah, irerekana ko imbere y’Imana Allah ata kwitwaza ubuvandimwe canke ubwoko, n’uko umwe wese mu biremwa azobazwa ivyo yakoze canke yagizemwo uruhara ku gatwe kiwe, n’uko kandi ukwemera kurimwo agakiza, ari ukwemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa zayo zose, hamwe rero no kuzikurikira. Uwuhakanye rero Intumwa imwe muri zo, afatwa nk’uwuhakanye Intumwa zose.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالُواْ كُونُواْ هُودًا أَوۡ نَصَٰرَىٰ تَهۡتَدُواْۗ قُلۡ بَلۡ مِلَّةَ إِبۡرَٰهِـۧمَ حَنِيفٗاۖ وَمَا كَانَ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Abayahudi n’abanaswara na bo babwiye abislamu bati: “Nimuje mw’idini ry’ubuyahudi canke ry’ubunaswara, muzoba mukurikiye ukuri n’uburongozi bwiza”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ahubwo nyabuna, ukuri n’uburongozi bwiza, ni idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho ntiyari no mu babangikanyamana”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُولُوٓاْ ءَامَنَّا بِٱللَّهِ وَمَآ أُنزِلَ إِلَيۡنَا وَمَآ أُنزِلَ إِلَىٰٓ إِبۡرَٰهِـۧمَ وَإِسۡمَٰعِيلَ وَإِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَ وَٱلۡأَسۡبَاطِ وَمَآ أُوتِيَ مُوسَىٰ وَعِيسَىٰ وَمَآ أُوتِيَ ٱلنَّبِيُّونَ مِن رَّبِّهِمۡ لَا نُفَرِّقُ بَيۡنَ أَحَدٖ مِّنۡهُمۡ وَنَحۡنُ لَهُۥ مُسۡلِمُونَ
Bislamu! Nimwishure abayahudi n’abanaswara muvuge muti: “Twaremeye Imana Imwe Rudende Allah, Qor’ani Yatumanuriye ihishuriwe Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); twaremeye n’ivyo Yamanuriye Intumwa zayo: Ibrahimu, Ismayili, Is-haka, Yakubu n’Intumwa zarungitswe mu ruvyaro rwiwe; twaremeye na Tawurati yahawe Intumwa Musa, Injili yahawe Intumwa Isa mwene Mariyamu, hamwe rero n’ivyahawe Abavugishwamana bose bivuye ku Mana yabo Rurema Allah. Ntituvangura namba rero hagati yabo ngo twemere uyu duhakane uriya, tubemera bose. Kandi rero twebwe ku Mana Allah turi abislamu twicisha bugufi mu kuyiyegereza mu vyo dukora vyose tukayisenga tutayibangikanya”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِنۡ ءَامَنُواْ بِمِثۡلِ مَآ ءَامَنتُم بِهِۦ فَقَدِ ٱهۡتَدَواْۖ وَّإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنَّمَا هُمۡ فِي شِقَاقٖۖ فَسَيَكۡفِيكَهُمُ ٱللَّهُۚ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Abahawe Igitabu rero hamwe n’abandi bagarariji bose, nibemera nk’ivyo mwemeye vyose, bazoba batumbereye inzira y’ukuri kuzima. Nibagenza umugongo bakirengagiza naho, ni ukuri bazoba bari mu nzira y’urwanko iciye kubiri n’ukuri. Kubera ivyo rero, Imana Allah Izogukingira inabi yabo. Ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo muhisha mu mishaha yanyu.
Arabic explanations of the Qur’an:
صِبۡغَةَ ٱللَّهِ وَمَنۡ أَحۡسَنُ مِنَ ٱللَّهِ صِبۡغَةٗۖ وَنَحۡنُ لَهُۥ عَٰبِدُونَ
Nimutsimbatare rero kw’idini ry’ubwislamu, ukwemera-ndemanwa kuvuye ku Mana Allah, nta kwemera-ndemanwa rero kwoza gusumba ukwemera ndemanwa Imana Allah Yaremanye abantu. Nimuvyemange rero maze muvuge muti: “Twebwe Iyo Mana Allah ni Yo twiyegereza mu vyo dukora vyose tukanayisenga mu gukurikira idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ أَتُحَآجُّونَنَا فِي ٱللَّهِ وَهُوَ رَبُّنَا وَرَبُّكُمۡ وَلَنَآ أَعۡمَٰلُنَا وَلَكُمۡ أَعۡمَٰلُكُمۡ وَنَحۡنُ لَهُۥ مُخۡلِصُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira abahawe Igitabu uti: “Mbega muduhaririza ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah kandi ari Yo Mana yacu Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose! Dufise ibikorwa dukora tuzohemberwa, na mwe mukagira ibikorwa mukora muzohemberwa, kandi twebwe rero tuyisenga tutayibangikanya na kimwe mu biremwa”.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَمۡ تَقُولُونَ إِنَّ إِبۡرَٰهِـۧمَ وَإِسۡمَٰعِيلَ وَإِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَ وَٱلۡأَسۡبَاطَ كَانُواْ هُودًا أَوۡ نَصَٰرَىٰۗ قُلۡ ءَأَنتُمۡ أَعۡلَمُ أَمِ ٱللَّهُۗ وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن كَتَمَ شَهَٰدَةً عِندَهُۥ مِنَ ٱللَّهِۗ وَمَا ٱللَّهُ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ
Ahubwo rero, burya muhaririza abislamu ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, muvuga ko Ibrahimu, Ismayili, Is-haka, Yakubu hamwe n’Intumwa zarungitswe mu ruvyaro rwiwe, bari mw’idini ry’abayahudi canke ry’abanaswara, mu gihe abo bose babayeho bagapfa imbere y’irungikwa rya Musa na Isa mwene Mariyamu, bahawe Tawurati n’Injili! Ntumwa y’Imana! Babaze ubabwire uti: “Mbega none, ni mwebwe mwoba muzi idini ryabo kurusha Imana Allah Yabarungitse, Igahishura muri Qor’ani ko bari abislamu, bicisha bugufi mu kuyisenga batayibangikanya! Nta n’umwe rero yirenganya akimonogoza kubasumba ku kunyegeza ivyemezo mufise bivuye ku Mana Allah vyemeza ko izo Ntumwa zose zari abislamu! Burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo mukora, Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
تِلۡكَ أُمَّةٞ قَدۡ خَلَتۡۖ لَهَا مَا كَسَبَتۡ وَلَكُم مَّا كَسَبۡتُمۡۖ وَلَا تُسۡـَٔلُونَ عَمَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Uwo rero ni umugwi w’abakurambere banyu mu kwemera bamaze kurengana, bafise ivyiza barondeye, na mwe nyene mufise ivyiza canke ibibi mwarondeye, kandi ntimuzobazwa ku bikorwa bari barakoze, eka mbere na bo nyene ntibazobazwa ku bikorwa mwakoze[17].
[17] Iyi Aayah, irerekana ko imbere y’Imana Allah ata kwitwaza ubuvandimwe canke ubwoko, n’uko umwe wese mu biremwa azobazwa ivyo yakoze canke yagizemwo uruhara ku gatwe kiwe, n’uko kandi ukwemera kurimwo agakiza, ari ukwemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa zayo zose, hamwe rero no kuzikurikira. Uwuhakanye rero Intumwa imwe muri zo, afatwa nk’uwuhakanye Intumwa zose.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ سَيَقُولُ ٱلسُّفَهَآءُ مِنَ ٱلنَّاسِ مَا وَلَّىٰهُمۡ عَن قِبۡلَتِهِمُ ٱلَّتِي كَانُواْ عَلَيۡهَاۚ قُل لِّلَّهِ ٱلۡمَشۡرِقُ وَٱلۡمَغۡرِبُۚ يَهۡدِي مَن يَشَآءُ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ
Ibijuju mu bayahudi n’ibitazi bimeze nkabo, bizovuga n’agasuzuguro biti: “Ni igiki catumye abislamu bahindura ubutumbero bwa “Bayti l-Maqdis[18]”, bahora berekezako mu gusenga?”. Ntumwa y’Imana! Bibwire uti: “Ubuseruko n’uburengero n’ibiri hagati yabwo, vyose ni ivy’Imana Allah, aho dutumbera hose rero tuba twubahiriza ibwirizwa ry’Imana Allah. Irongora mu baja bayo uwo Ishatse mu nzira yayo igororotse”.
[18] Bayti l-Maqdis ivugwa ng'aha, ni umusigiti mweranda wa mbere wubatswe muri Palestina. Bivugwa ko woba wubatswe n'abamalayika, canke ko wubatswe na Nuhu canke uruvyaro rwiwe, ukaba wagiye urasanurwa n'Intumwa z'Imana zakurikiye mu nyuma; nka Dawudi, Sulayimani, n'izindi. Ni wo musigiti uza ubwa kabiri mu misigiti yubashwe isabwa kugenderwa mu bwislamu, havuye umusigiti w'i Makka n'umusigiti wubatswe n'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)
i Madina. Ni muri uwo musigiti nyene Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yareruwe ijanwa mw'ijuru mw'ijoro ryiswe "ijoro ry'iduzwa ry'Intumwa mw'ijuru". Ni bwo butumbero bwa mbere rero, abislamu bahora berekezako mu gusenga imbere yuko babwirizwa kwerekeza i Makka.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَكَذَٰلِكَ جَعَلۡنَٰكُمۡ أُمَّةٗ وَسَطٗا لِّتَكُونُواْ شُهَدَآءَ عَلَى ٱلنَّاسِ وَيَكُونَ ٱلرَّسُولُ عَلَيۡكُمۡ شَهِيدٗاۗ وَمَا جَعَلۡنَا ٱلۡقِبۡلَةَ ٱلَّتِي كُنتَ عَلَيۡهَآ إِلَّا لِنَعۡلَمَ مَن يَتَّبِعُ ٱلرَّسُولَ مِمَّن يَنقَلِبُ عَلَىٰ عَقِبَيۡهِۚ وَإِن كَانَتۡ لَكَبِيرَةً إِلَّا عَلَى ٱلَّذِينَ هَدَى ٱللَّهُۗ وَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيُضِيعَ إِيمَٰنَكُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ بِٱلنَّاسِ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٞ
Bislamu! Ni nk’uko nyene rero Twabarongoye mw’idini ry’ubwislamu, Twabagize intore n’intungane mu bantu, kugira ngo mube ivyabona ku bantu bose ku musi w’izuka ko Intumwa z’Imana zashikirije ubutumwa; no kugira rero Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) na yo, izobe icabona kuri mwebwe ko yabashikaniye ubutumwa. Ntumwa y’Imana! Ubutumbero bwa Bayti l-Maqdis wahora werekezako mu gusenga, ntitwabuhinduye ngo Tugutumbereze Al-Ka’ba, atari ukugira hamenyekane ku vyo Dusanzwe Tuzi, uwumvira agakurikira Intumwa, hamwe rero n’uwutayumvira akagenza umugongo mu kwemera. Ukwo guhindura ubutumbero mu gusenga, ni ukuri ni ikintu kiremereye kigoye kwumva kiretse kuri barya Imana Allah Yarongoye mu nzira y’ukwemera n’iy’igamburukiramana. Kandi rero Imana Allah ntiyari kugira impfagusa ukwemera kwanyu ngo ntibemerere amasengesho yanyu mwasenze mugitumbera Bayti l-Maqdis. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَدۡ نَرَىٰ تَقَلُّبَ وَجۡهِكَ فِي ٱلسَّمَآءِۖ فَلَنُوَلِّيَنَّكَ قِبۡلَةٗ تَرۡضَىٰهَاۚ فَوَلِّ وَجۡهَكَ شَطۡرَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِۚ وَحَيۡثُ مَا كُنتُمۡ فَوَلُّواْ وُجُوهَكُمۡ شَطۡرَهُۥۗ وَإِنَّ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ لَيَعۡلَمُونَ أَنَّهُ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّهِمۡۗ وَمَا ٱللَّهُ بِغَٰفِلٍ عَمَّا يَعۡمَلُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twarabona uko waguma urangamiza hejuru urindiriye itegeko ryohishurwa rigutumbereza amaja i Makka. Ni ukuri rero, Tuzokwerekeza ubutumbero buguhimbara, ushime. Kuva ubu rero, tumbera amaja i Makka, ahari umusigiti mutagatifu, n’aho muzoba muri hose kw’isi, muratumbera aho nyene mu gusenga. Mu vy’ukuri, abahawe Igitabu barazi neza ko gutumbera amaja i Makka ari kwo kuri kuvuye ku Mana yabo Rurema Allah, burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo bakora, Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَئِنۡ أَتَيۡتَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ بِكُلِّ ءَايَةٖ مَّا تَبِعُواْ قِبۡلَتَكَۚ وَمَآ أَنتَ بِتَابِعٖ قِبۡلَتَهُمۡۚ وَمَا بَعۡضُهُم بِتَابِعٖ قِبۡلَةَ بَعۡضٖۚ وَلَئِنِ ٱتَّبَعۡتَ أَهۡوَآءَهُم مِّنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَكَ مِنَ ٱلۡعِلۡمِ إِنَّكَ إِذٗا لَّمِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Abahawe Igitabu, n’aho wobazanira ivyemezo vyose vyemeza ko gutumbera amaja i Makka ari kwo kuri, kubera akagagazo ntibopfa bakurikiye ubutumbero bwawe mu gusenga. Na we ntushobora gusubira kandi ku butumbero bwabo. Eka mbere na bamwe muri bo nyene ntibakurikira ubutumbero bw’abandi mu gusenga. Ni ukuri, niwaramuka ukurikiye ivyipfuzo vyabo mu vyerekeye ubutumbero n’ibindi, inyuma y’aho ushikiriwe n’ubumenyi buvuye ku Mana Allah, mu vy’ukuri muri ico gihe, ni ukuri uzoba uri mu birenganije[19].
[19] Iyi Aayah, yega abislamu bose, ikabihaniza gukurikira ivyipfuzo vy’abahakanyi barwanya ubwislamu.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَعۡرِفُونَهُۥ كَمَا يَعۡرِفُونَ أَبۡنَآءَهُمۡۖ وَإِنَّ فَرِيقٗا مِّنۡهُمۡ لَيَكۡتُمُونَ ٱلۡحَقَّ وَهُمۡ يَعۡلَمُونَ
Abayahudi n’abanaswara Twahaye Igitabu Tawurati n’Injili, abamenyi muri bo barazi neza na neza ko Muhamadi ari Intumwa y’Imana bafatiye ku bimuranga biri mu Bitabu vyabo, nka kurya bazi neza na neza abana babo. Mu vy’ukuri, muri bo harimwo umugwi unyegeza ukuri kandi ukuzi.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَ فَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُمۡتَرِينَ
Muvugishwamana! Ivyo wahishuriwe muri Qor’ani ni kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah, ntukabe rero mu bagira amakenga kuri ukwo kuri.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلِكُلّٖ وِجۡهَةٌ هُوَ مُوَلِّيهَاۖ فَٱسۡتَبِقُواْ ٱلۡخَيۡرَٰتِۚ أَيۡنَ مَا تَكُونُواْ يَأۡتِ بِكُمُ ٱللَّهُ جَمِيعًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Burya umugwi wose urafise ubutumbero bwawo wahawe n’Imana Allah mu gusenga. Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimurushanwe mu kwihutira gukora ivyiza mwategetswe. Aho muzoba muri hose rero Imana Allah Izobegeranya mwese ku musi w’izuka. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنۡ حَيۡثُ خَرَجۡتَ فَوَلِّ وَجۡهَكَ شَطۡرَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِۖ وَإِنَّهُۥ لَلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَۗ وَمَا ٱللَّهُ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ
Muvugishwamana! Aho ari ho hose uzoja mu rugendo, maze ugashaka gusenga, uratumbera amaja i Makka, ahari umusigiti mutagatifu. Ubwo butumbero ni kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah. Burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo mukora, Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنۡ حَيۡثُ خَرَجۡتَ فَوَلِّ وَجۡهَكَ شَطۡرَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِۚ وَحَيۡثُ مَا كُنتُمۡ فَوَلُّواْ وُجُوهَكُمۡ شَطۡرَهُۥ لِئَلَّا يَكُونَ لِلنَّاسِ عَلَيۡكُمۡ حُجَّةٌ إِلَّا ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنۡهُمۡ فَلَا تَخۡشَوۡهُمۡ وَٱخۡشَوۡنِي وَلِأُتِمَّ نِعۡمَتِي عَلَيۡكُمۡ وَلَعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ
Muvugishwamana! Aho ari ho hose uzoja rero mu rugendo, uratumbera amaja i Makka. Bislamu! Aho muzoba muri hose kw’isi, muratumbera amaja i Makka, kugira ngo abo mudasangiye ukwemera ntibazoronke icitwazo co kubacanishamwo ku bijanye n’ubutumbero, kiretse gusa abirenganije muri bo bazobandanya babahaririza. Kubera ivyo rero, ntimukabatinye, ahubwo murantinya Jewe Allah maze mukurikize amabwirizwa yanje, kugira Ndabakwirize inema zanje mu kubahitiramwo amabwirizwa atunganye, no kugira rero mukurikire inzira y’ukuri ibaganisha ku Mana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
كَمَآ أَرۡسَلۡنَا فِيكُمۡ رَسُولٗا مِّنكُمۡ يَتۡلُواْ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِنَا وَيُزَكِّيكُمۡ وَيُعَلِّمُكُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَيُعَلِّمُكُم مَّا لَمۡ تَكُونُواْ تَعۡلَمُونَ
Nk’uko Twabateye iteka ryo gutumbera amaja i Makka, Twarabarungikiye n’Intumwa ivuye muri mwebwe, ibasomera Aayah n’ivyemezo vyacu vyerekana ukuri n’ikinyoma, ikanabeza ivyaha vy’ibangikanyamana n’ingeso mbi zose, ikabigisha n’Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo yayo (Sunnah), ikanabigisha ivyo mutari muzi mu nkuru z’ab’aho hambere n’Intumwa zabo.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَٱذۡكُرُونِيٓ أَذۡكُرۡكُمۡ وَٱشۡكُرُواْ لِي وَلَا تَكۡفُرُونِ
Kubera ivyo vyose rero, nimuninahaze mwongere muntazire, Nzobayaga neza Ndabahe n’indishi ibakwiye, muheze rero kandi munshimire mu mvugo n’ingiro, kandi ntimukangararize mu kwihakana inema zanje nabahaye.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱسۡتَعِينُواْ بِٱلصَّبۡرِ وَٱلصَّلَوٰةِۚ إِنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلصَّٰبِرِينَ
Bemeramana! Mu gutunganya ivyanyu, nimwifashishe kwihanganira ibibagoye maze mwihangane mu gukora ivyo mwategetswe no mu kwirinda ivyo mwabujijwe, mwifashishe no gusenga isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, kuko ari ryo ribuza umuntu gukora ivyaha rutura n’ibicumuro. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku vyo barondera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَا تَقُولُواْ لِمَن يُقۡتَلُ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ أَمۡوَٰتُۢۚ بَلۡ أَحۡيَآءٞ وَلَٰكِن لَّا تَشۡعُرُونَ
Bemeramana! Ntimukavuge ku bishwe baharanira idini ry’Imana Allah ko bahwereye! Ahubwo bo ni bazima mu buryo bagenewe n’Imana Allah mu mva zabo, ariko rero ntimwumva ukuntu babayeho[20].
[20] Ubuzima babayeho mu mva zabo, Imana Allah ni Yo gusa Izi ukuntu buteye. Iyi Aayah rero, iremeza ko mu mva hariyo amahirwe ku bantu b’aberanda.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَنَبۡلُوَنَّكُم بِشَيۡءٖ مِّنَ ٱلۡخَوۡفِ وَٱلۡجُوعِ وَنَقۡصٖ مِّنَ ٱلۡأَمۡوَٰلِ وَٱلۡأَنفُسِ وَٱلثَّمَرَٰتِۗ وَبَشِّرِ ٱلصَّٰبِرِينَ
Ni ukuri, Tuzobagerageza n’akantu gato mu kugira ubwoba, inzara (amapfa), no mu gukehanirwa n’amatungo canke kuyabura, mu kubura abanyu mu mpfu zisanzwe canke kwicwa mu guharanira idini ry’Imana Allah, mu kugabanuka canke kubura umwimbu mu biterwa mbumbarugo hamwe rero n’ivyamwa. Muvugishwamana! Shikiriza rero abihangana mu gihe c’ibiza n’amagorwa inkuru nziza ihumuriza ko bazohabwa iherezo ryiza mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa,
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ إِذَآ أَصَٰبَتۡهُم مُّصِيبَةٞ قَالُوٓاْ إِنَّا لِلَّهِ وَإِنَّآ إِلَيۡهِ رَٰجِعُونَ
Barya iyo bashikiwe n’ikiza baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi abaja b’Imana Allah, ni Yo Rugaba Itugaba Ikatuganza muri vyose, kandi mu vy’ukuri twebwe, tuzosubira kuri Yo nitwamara gupfa, duheze tuzuke Iduharurire, Iduhembere ivyo twakoze”.
Arabic explanations of the Qur’an:
أُوْلَٰٓئِكَ عَلَيۡهِمۡ صَلَوَٰتٞ مِّن رَّبِّهِمۡ وَرَحۡمَةٞۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُهۡتَدُونَ
Abo rero, ni bo bari mu mahoro n’impuhwe z’Imana yabo Rurema Allah. Abo ni na bo bagororotsi bari mu nzira y’ukuri ibaganisha ku Mana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ إِنَّ ٱلصَّفَا وَٱلۡمَرۡوَةَ مِن شَعَآئِرِ ٱللَّهِۖ فَمَنۡ حَجَّ ٱلۡبَيۡتَ أَوِ ٱعۡتَمَرَ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡهِ أَن يَطَّوَّفَ بِهِمَاۚ وَمَن تَطَوَّعَ خَيۡرٗا فَإِنَّ ٱللَّهَ شَاكِرٌ عَلِيمٌ
Mu vy’ukuri, imisozi “Swafa” na “Mar-wa” iri amaja mu buseruko bwa Al-Ka’ba, ni mu bimenyetso vyo kwiyegereza ku Mana Allah. Uwuzoja gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka, nta caha kuri we kiri mu gukokera anyaragasa (sa’yi) hagati y’iyo misozi. Uwuzokwitanga ku bw’Imana Allah mu gukora ivyiza bidategetswe, mu vy’ukuri Imana Allah Irashima, Izobimuhembera, kandi Irazi ibikorwa vy’abaja bayo, nta we Izorenganya na gato.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ يَكۡتُمُونَ مَآ أَنزَلۡنَا مِنَ ٱلۡبَيِّنَٰتِ وَٱلۡهُدَىٰ مِنۢ بَعۡدِ مَا بَيَّنَّٰهُ لِلنَّاسِ فِي ٱلۡكِتَٰبِ أُوْلَٰٓئِكَ يَلۡعَنُهُمُ ٱللَّهُ وَيَلۡعَنُهُمُ ٱللَّٰعِنُونَ
Mu vy’ukuri, abanyegeza ivyo Twabamanuriye mu bimenyetso n’uburongozi, vyemeza ko ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari ukuri, inyuma y’aho Tubigaragarije abantu muri Tawurati n’Injili, abo ni bo bavumwe n’Imana Allah, banasabirwa imivumo n’ibiremwa vyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِلَّا ٱلَّذِينَ تَابُواْ وَأَصۡلَحُواْ وَبَيَّنُواْ فَأُوْلَٰٓئِكَ أَتُوبُ عَلَيۡهِمۡ وَأَنَا ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ
Kiretse abagarutse ku Mana Allah bakigaya ivyaha vyabo, bagatunganya n’ivyo bononye, bakanagaragaza ukuri banyegeje, abo ni bo Jewe Allah Numvira, Nkabagirira ikigongwe, ni na Jewe rero Nyenukwumvirabigaya, Numvira abantakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni banje.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ وَمَاتُواْ وَهُمۡ كُفَّارٌ أُوْلَٰٓئِكَ عَلَيۡهِمۡ لَعۡنَةُ ٱللَّهِ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ وَٱلنَّاسِ أَجۡمَعِينَ
Mu vy’ukuri, abagararije bakananyegeza ukuri, bagaheza bagashishikara ukwo, bagarariza gushika gupfa, abo ni bo bakwiye imivumo y’Imana Allah, iy’abamalayika hamwe rero n’iy’abantu bose.
Arabic explanations of the Qur’an:
خَٰلِدِينَ فِيهَا لَا يُخَفَّفُ عَنۡهُمُ ٱلۡعَذَابُ وَلَا هُمۡ يُنظَرُونَ
Bazoguma muri nya mivumo nyene no mu muriro ibihe bidahera, ntibazotezurirwa na gato mu bihano ngo baruhuke, eka mbere bobo ntibazohabwa agahengwe ngo biregure ku vyaha bakoze.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِلَٰهُكُمۡ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞۖ لَّآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ ٱلرَّحۡمَٰنُ ٱلرَّحِيمُ
Bantu! Burya Imana Yanyu ni Imana Imwe Rudende Allah[21]. Nta yindi mana y’ukuri ibwirijwe gusengwa atari Yo, ni Yo rero Nyenimpuhwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
[21] Ni Imwe Rudende mu bumana bwayo, mu mazina n’amatazirano yayo, hamwe rero no mu bikorwa vyayo biyiranga ko Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ فِي خَلۡقِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَٱخۡتِلَٰفِ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ وَٱلۡفُلۡكِ ٱلَّتِي تَجۡرِي فِي ٱلۡبَحۡرِ بِمَا يَنفَعُ ٱلنَّاسَ وَمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مِن مَّآءٖ فَأَحۡيَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَا وَبَثَّ فِيهَا مِن كُلِّ دَآبَّةٖ وَتَصۡرِيفِ ٱلرِّيَٰحِ وَٱلسَّحَابِ ٱلۡمُسَخَّرِ بَيۡنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Mu vy’ukuri, mw’iremwa ry’amajuru mu kuntu ahanitse, n’isi mu kuntu ishigikiwe n’imisozi, ikagira utubande n’amabahari; mw'ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango; mw’igendera ry’ubwato mw’ibahari bwunguruza ibifitiye akamaro abantu; mw’igwishwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze Imana Allah Ikanagisha ibiterwa n’ivyimeza kw’isi hakoreshejwe amazi y'imvura, inyuma y’igaduka no gucika ubukumbagare kw’isi; mw’ikwiragizwa ry’ibinyabuzima bitandukanye bigendagenda mw’isi; mw’irungikwa ry’umuyaga hamwe n’isunikwa ry’ibicu mu kirere kiri hagati y’ijuru n’isi, mw'iremwa ry'ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa bakikebuka, bagaheza bakamenya ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يَتَّخِذُ مِن دُونِ ٱللَّهِ أَندَادٗا يُحِبُّونَهُمۡ كَحُبِّ ٱللَّهِۖ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَشَدُّ حُبّٗا لِّلَّهِۗ وَلَوۡ يَرَى ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ إِذۡ يَرَوۡنَ ٱلۡعَذَابَ أَنَّ ٱلۡقُوَّةَ لِلَّهِ جَمِيعٗا وَأَنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلۡعَذَابِ
N’aho biri ukwo, mu bantu harimwo abirengagiza Imana Allah bakagira mu gishingo cayo ibigirwamana bakunda nka kurya bategerezwa gukunda Imana Allah, kandi bitabikwiye. Nayo abemeramana barakunda bakubaha Imana Allah kurusha uko nya bantu bakunda ibigirwamana vyabo. Iyo abirenganije mw’ibangikanyamana bamenya igihe babonye ibihano vyo ku musi w’izuka, ko mu vy’ukuri Imana Allah ari Yo Nyeninguvu zose, n’uko Imana Allah Ihana Igahasha, ntibari gusenga ibigirwamana.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِذۡ تَبَرَّأَ ٱلَّذِينَ ٱتُّبِعُواْ مِنَ ٱلَّذِينَ ٱتَّبَعُواْ وَرَأَوُاْ ٱلۡعَذَابَ وَتَقَطَّعَتۡ بِهِمُ ٱلۡأَسۡبَابُ
Igihe rero babonye ibihano ku musi w’izuka, indongozi z’abahakanyi zizokwigarama abazikurikiye mw’ibangikanyamana, n’ivyabahuza kw’isi vyose bizohera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ ٱلَّذِينَ ٱتَّبَعُواْ لَوۡ أَنَّ لَنَا كَرَّةٗ فَنَتَبَرَّأَ مِنۡهُمۡ كَمَا تَبَرَّءُواْ مِنَّاۗ كَذَٰلِكَ يُرِيهِمُ ٱللَّهُ أَعۡمَٰلَهُمۡ حَسَرَٰتٍ عَلَيۡهِمۡۖ وَمَا هُم بِخَٰرِجِينَ مِنَ ٱلنَّارِ
Abakurikiye nya ndongozi na bo, bazoheza bavuge n’ishavu n’akantu bati: “Ese iyo tuba dushoboye gusubira kw’isi, maze tukigarama izo ndongozi nk’uko zitwigaramye!”. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Izobereka ibihano vyayo ku musi w’izuka - Izobereka ibikorwa vyabo vyabaye impfagusa maze bicuze, eka mbere bobo ntibazopfa bavuye mu muriro udahera.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ كُلُواْ مِمَّا فِي ٱلۡأَرۡضِ حَلَٰلٗا طَيِّبٗا وَلَا تَتَّبِعُواْ خُطُوَٰتِ ٱلشَّيۡطَٰنِۚ إِنَّهُۥ لَكُمۡ عَدُوّٞ مُّبِينٌ
Emwe bantu! Nimufungure mu vyimburwa mw’isi, ibirekuwe vyiza[22] bitabagirira ingaruka mbi, kandi ntimugakurikire inzira za shetani mu kuzirura ibizira, mu kuziririza ibiziruye, no mu kwadukana rero bishasha mw’idini. Mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara.
[22] Ibirekuwe vyiza, ni birya vyose bisukuye bidahumanye, ata ngaruka mbi bigirira uwubifunguye canke uwubinyoye.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّمَا يَأۡمُرُكُم بِٱلسُّوٓءِ وَٱلۡفَحۡشَآءِ وَأَن تَقُولُواْ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Ni ukuri, shetani ibategeka gukora ibibi n’ivyaha vy’agahomerabunwa no kurementaniriza Imana Allah mu kuziririza ibirekuwe canke kuzirura ibizira mudafitiye ubumenyi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱتَّبِعُواْ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ قَالُواْ بَلۡ نَتَّبِعُ مَآ أَلۡفَيۡنَا عَلَيۡهِ ءَابَآءَنَآۚ أَوَلَوۡ كَانَ ءَابَآؤُهُمۡ لَا يَعۡقِلُونَ شَيۡـٔٗا وَلَا يَهۡتَدُونَ
Iyo abemeramana bahanuye abahuvye bakababwira bati: “Nimukurikire uburongozi n’ivyahishuwe n’Imana Allah muri Qor’ani”. Baragagaza bakishura bati: “Ahubwo nyabuna dukurikira ivyo twasanze abavyeyi bacu bakora!”. Mbega none, karashize ingani bakurikire abavyeyi babo n’aho boba ata na kimwe batahura ku vyerekeye Imana Allah n’uburongozi bwayo!
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَثَلُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ كَمَثَلِ ٱلَّذِي يَنۡعِقُ بِمَا لَا يَسۡمَعُ إِلَّا دُعَآءٗ وَنِدَآءٗۚ صُمُّۢ بُكۡمٌ عُمۡيٞ فَهُمۡ لَا يَعۡقِلُونَ
Akarorero k’abahakanye n’uwubararikira ukwemera Imana Allah, ni nk’ak’umwungere acamura ibitungwa abikankamira kandi bitumva kiretse ijwi gusa, ntibiheze rero ngo bitahure insiguro y’amajambo. Ni ibipfamatwi, barabwirwa ntibumva ukuri, ni ibiragi ntibavuga ukuri, ni ibipfamaso barerekwa ntibabona inzira y’ukuri, eka mbere bobo ntibagira ubwenge ngo batahure icobagirira akamaro.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ كُلُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا رَزَقۡنَٰكُمۡ وَٱشۡكُرُواْ لِلَّهِ إِن كُنتُمۡ إِيَّاهُ تَعۡبُدُونَ
Emwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye, muheze mushimire vy’ukuri Imana Allah ku nema zayo nimwaba koko ari Yo gusa mwiyegereza mu vyo mukora vyose mu kanayisenga.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّمَا حَرَّمَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡمَيۡتَةَ وَٱلدَّمَ وَلَحۡمَ ٱلۡخِنزِيرِ وَمَآ أُهِلَّ بِهِۦ لِغَيۡرِ ٱللَّهِۖ فَمَنِ ٱضۡطُرَّ غَيۡرَ بَاغٖ وَلَا عَادٖ فَلَآ إِثۡمَ عَلَيۡهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٌ
Ivyo Imana Allah Yaziririje kuri mwebwe, ni ivyobagirira ingaruka mbi nk’inyamamfu[23], amaraso aseseka (ubuseri), inyama y’ingurube n’ivyabagiwe rero ikitari Imana Allah. Kubera rero impuhwe z’Imana Allah kuri mwebwe, uwo wese ubuzima bwiwe buzoba bubangamiwe n’inzara, ararekuriwe gufungura ibikwiriye kurokora ubuzima atarengeje urugero canke ngo arenge imbibe z’ibirekuwe n’Imana Allah, uyo rero nta caha kuri we. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
[23] Igitungwa capfuye kidakerewe kw’izina ry’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ يَكۡتُمُونَ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلۡكِتَٰبِ وَيَشۡتَرُونَ بِهِۦ ثَمَنٗا قَلِيلًا أُوْلَٰٓئِكَ مَا يَأۡكُلُونَ فِي بُطُونِهِمۡ إِلَّا ٱلنَّارَ وَلَا يُكَلِّمُهُمُ ٱللَّهُ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَلَا يُزَكِّيهِمۡ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٌ
Mu vy’ukuri, abanyegeza ivyo Imana Allah Yamanuye mu Bitabu vyayo, biranga bikemeza ko ubutumwa bwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari ukuri, bakanemera kwakira impongano nto nk’ikiguzi c’ukwo kunyegeza ukuri, abo ntibashira mu nda zabo kiretse umuriro udahera. Imana Allah ntizobavugisha ku musi w’izuka, eka mbere ntizonabeza ivyaha vyabo. Baranategekanirijwe n’ibihano bibabaza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Arabic explanations of the Qur’an:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ ٱشۡتَرَوُاْ ٱلضَّلَٰلَةَ بِٱلۡهُدَىٰ وَٱلۡعَذَابَ بِٱلۡمَغۡفِرَةِۚ فَمَآ أَصۡبَرَهُمۡ عَلَى ٱلنَّارِ
Abo ni bo rero biguze ubuhuvyi ha kurongoka, bongera bigura ibihano ha kurondera kugirirwa imbabazi n’Imana Allah. Barubahuka bakarenza ntuze, none ni igiki kizotuma bihanganira umuriro udahera!
Arabic explanations of the Qur’an:
ذَٰلِكَ بِأَنَّ ٱللَّهَ نَزَّلَ ٱلۡكِتَٰبَ بِٱلۡحَقِّۗ وَإِنَّ ٱلَّذِينَ ٱخۡتَلَفُواْ فِي ٱلۡكِتَٰبِ لَفِي شِقَاقِۭ بَعِيدٖ
Ivyo bihano rero barabikwiye, kuko Imana Allah Yamanuye Ibitabu birimwo ukuri kugaragara, baraheza barabihakana bivuye inyuma. Mu vy’ukuri, abacanyemwo bakemera bimwe mu biri mu Gitabu bagahakana ibindi, bari mu mpari ziri kure y’ukuri.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ لَّيۡسَ ٱلۡبِرَّ أَن تُوَلُّواْ وُجُوهَكُمۡ قِبَلَ ٱلۡمَشۡرِقِ وَٱلۡمَغۡرِبِ وَلَٰكِنَّ ٱلۡبِرَّ مَنۡ ءَامَنَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ وَٱلۡكِتَٰبِ وَٱلنَّبِيِّـۧنَ وَءَاتَى ٱلۡمَالَ عَلَىٰ حُبِّهِۦ ذَوِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينَ وَٱبۡنَ ٱلسَّبِيلِ وَٱلسَّآئِلِينَ وَفِي ٱلرِّقَابِ وَأَقَامَ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتَى ٱلزَّكَوٰةَ وَٱلۡمُوفُونَ بِعَهۡدِهِمۡ إِذَا عَٰهَدُواْۖ وَٱلصَّٰبِرِينَ فِي ٱلۡبَأۡسَآءِ وَٱلضَّرَّآءِ وَحِينَ ٱلۡبَأۡسِۗ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ صَدَقُواْۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُتَّقُونَ
Nta neza muziga ku Mana Allah mu gutumbera mu buseruko no mu burengero mu gusenga kutubahirije ibwirizwa ry’Imana Allah. Ahubwo ineza nya neza, ni ukwemera kw’uwemeye Imana Imwe Rudende Allah akanemera n’umusi w’imperuka, abamalayika bose, Ibitabu vyose vyamanuwe n’Imana Allah, Abavugishwamana bose ata kuvangura, agahereza mu matungo yiwe akunda incuti mu muryango, impfumvyi, abakene, uwakehaniwe ku rugendo, abasega kuko bugarijwe n’ubukene; agatanga no mu kubohoza imbohe n’abagurano; agatsimbataza isengesho, agatanga n’ishikanwa-bwirizwa, abubahiriza isezerano ryabo iyo baryiyemeje, abihangana mu bukene, mu gihe c’indwara, no mu gihe c’indwano. Abo ni bo rero mvugakuri. Abo ni na bo rero batinya ibihano vy’Imana Allah maze bakavyikingira.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ كُتِبَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡقِصَاصُ فِي ٱلۡقَتۡلَىۖ ٱلۡحُرُّ بِٱلۡحُرِّ وَٱلۡعَبۡدُ بِٱلۡعَبۡدِ وَٱلۡأُنثَىٰ بِٱلۡأُنثَىٰۚ فَمَنۡ عُفِيَ لَهُۥ مِنۡ أَخِيهِ شَيۡءٞ فَٱتِّبَاعُۢ بِٱلۡمَعۡرُوفِ وَأَدَآءٌ إِلَيۡهِ بِإِحۡسَٰنٖۗ ذَٰلِكَ تَخۡفِيفٞ مِّن رَّبِّكُمۡ وَرَحۡمَةٞۗ فَمَنِ ٱعۡتَدَىٰ بَعۡدَ ذَٰلِكَ فَلَهُۥ عَذَابٌ أَلِيمٞ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mwarategetswe kwihora ku bishwe n’ibigira nkana, hakicwa uwishe, uwigenga yicwa yishe uwigenga, umugurano yicwa yishe umugurano, n’umukobwa yicwa yishe umukobwa[24]. Uwuzobabarirwa n’umuhagarikizi w’uwishwe ntiyihore, akemera gushumbushwa, araheza yishuze ku neza mu rupfasoni, na we aheze yishure mu bugwaneza. Ukwo ni ukworoherezwa n’impuhwe bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah. Inyuma yo kwubahiriza iyo ngingo yo kubabarirwa, uwuzorengera ku wishe akamwica, uyo azohabwa igihano kibabaza cane co kwicwa no guhanwa mu muriro udahera.
[24] Imbere yuko iyi Aayah imanuka, uwishe umugurano canke umukobwa bene umuhisi mu kwihora basaba kwica uwigenga canke umugabo. Iyi Aayah rero ica ishinga itegeko ko hicwa uwishe mu gihe yagiriwe n’icaha co kwica ibigirankana.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَكُمۡ فِي ٱلۡقِصَاصِ حَيَوٰةٞ يَٰٓأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ لَعَلَّكُمۡ تَتَّقُونَ
Emwe bantu mufise ubwenge! Itegeko ryo kwihora hakicwa uwishe, kuri mwebwe ririmwo ubuzima bw’iteka n’itekane, kugira ngo mutinye Imana Allah ntimusese amaraso.
Arabic explanations of the Qur’an:
كُتِبَ عَلَيۡكُمۡ إِذَا حَضَرَ أَحَدَكُمُ ٱلۡمَوۡتُ إِن تَرَكَ خَيۡرًا ٱلۡوَصِيَّةُ لِلۡوَٰلِدَيۡنِ وَٱلۡأَقۡرَبِينَ بِٱلۡمَعۡرُوفِۖ حَقًّا عَلَى ٱلۡمُتَّقِينَ
Mwategetswe mu gihe umwe muri mwebwe yoba ari ku mpfiro, bishitse agasiga amatungo, ko yoraga ku neza ata nkunzi bimwe muri yo, maze bigaherezwa abavyeyi biwe n’incuti za hafi mu muryango afatiye ku bakenye kurusha abandi, mu gihe bitarenze ica gatatu c’amatungo yiwe. Ako ni agateka ntabanduka kubahirizwa n’abagamburukiramana[25].
[25] Iyi ngingo yubahirizwa imbere yuko hamanuka Aayah zitunganya ibijanye no gutorana.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَمَنۢ بَدَّلَهُۥ بَعۡدَ مَا سَمِعَهُۥ فَإِنَّمَآ إِثۡمُهُۥ عَلَى ٱلَّذِينَ يُبَدِّلُونَهُۥٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ سَمِيعٌ عَلِيمٞ
Uwuzohirahira agahindura iragi inyuma yuko aryumvise ku muhisi, mu vy’ukuri ivyaha bizoba ari ivy’uwahinduye. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana, kandi Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَمَنۡ خَافَ مِن مُّوصٖ جَنَفًا أَوۡ إِثۡمٗا فَأَصۡلَحَ بَيۡنَهُمۡ فَلَآ إِثۡمَ عَلَيۡهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Uwuzotinya ko uwuraga yohava arenganya canke ko yokora icaha hashizwe mu ngiro iragi yasize kuko ritisunga amategeko, agaheza agatunganiriza abasigwa mu guhindura ingingo zirimwo akarenganyo mw’iragi, uyo nta caha kuri we. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ كُتِبَ عَلَيۡكُمُ ٱلصِّيَامُ كَمَا كُتِبَ عَلَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تَتَّقُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mwarategetswe kwipfunga nk’uko ab’aho hambere yanyu babitegetswe, kugira ngo mwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kuyumvira ari Imwe Rudende;
Arabic explanations of the Qur’an:
أَيَّامٗا مَّعۡدُودَٰتٖۚ فَمَن كَانَ مِنكُم مَّرِيضًا أَوۡ عَلَىٰ سَفَرٖ فَعِدَّةٞ مِّنۡ أَيَّامٍ أُخَرَۚ وَعَلَى ٱلَّذِينَ يُطِيقُونَهُۥ فِدۡيَةٞ طَعَامُ مِسۡكِينٖۖ فَمَن تَطَوَّعَ خَيۡرٗا فَهُوَ خَيۡرٞ لَّهُۥۚ وَأَن تَصُومُواْ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Ni ukwipfunga imisi imparurwa. Uwuzoba rero muri mwebwe arwaye canke ari ku rugendo, arafungura aheze arihe igitigiri c’imisi yafunguye mu yindi misi. N’abapfunga bibagoye cane kubera ubusaza canke indwara zidakira, aba barafungurira umukene umwe mu gishingo c’umusi umwe batapfunze. Uwuzogira ico azorenzako ku bushake bwiwe kizoba ari ku neza yiwe. Mu gihe mwokwihanganira ukwipfunga kubagora maze mugapfunga, vyoba ari vyo vyiza kuri mwebwe kuruta gufungurira abakene, iyo muba muzi rero ivyiza birimwo, mwopfunze.
Arabic explanations of the Qur’an:
شَهۡرُ رَمَضَانَ ٱلَّذِيٓ أُنزِلَ فِيهِ ٱلۡقُرۡءَانُ هُدٗى لِّلنَّاسِ وَبَيِّنَٰتٖ مِّنَ ٱلۡهُدَىٰ وَٱلۡفُرۡقَانِۚ فَمَن شَهِدَ مِنكُمُ ٱلشَّهۡرَ فَلۡيَصُمۡهُۖ وَمَن كَانَ مَرِيضًا أَوۡ عَلَىٰ سَفَرٖ فَعِدَّةٞ مِّنۡ أَيَّامٍ أُخَرَۗ يُرِيدُ ٱللَّهُ بِكُمُ ٱلۡيُسۡرَ وَلَا يُرِيدُ بِكُمُ ٱلۡعُسۡرَ وَلِتُكۡمِلُواْ ٱلۡعِدَّةَ وَلِتُكَبِّرُواْ ٱللَّهَ عَلَىٰ مَا هَدَىٰكُمۡ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Ni mu kwezi kwa “Ramadhani” Imana Allah Yatanguye kumanura Qor’ani mw’ijoro ry’iteka, irimwo uburongozi ku bantu n’ivyemezo bitandukanya ukuri n’ikinyoma. Kubera ivyo rero, uwo ukwezi kuzoboneka akomeye atari ku rugendo, aragupfunga. Uwuzoba muri mwebwe na we arwaye canke ari ku rugendo, arafungura hanyuma aheze arihe igitigiri c’imisi yafunguye mu yindi misi. Imana Allah Ibashakira ukworoherwa mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo, eka mbere ntishaka ko mworemerwa mukananirwa kugira ngo mukwize igitigiri c’imisi y’ukwipfunga, muheze musozere amapfungo mukuza Imana Allah muyininahaza ku musi mukuru wo gufungura, kugira ngo muyishimire ku vyiza Yabashoboje.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا سَأَلَكَ عِبَادِي عَنِّي فَإِنِّي قَرِيبٌۖ أُجِيبُ دَعۡوَةَ ٱلدَّاعِ إِذَا دَعَانِۖ فَلۡيَسۡتَجِيبُواْ لِي وَلۡيُؤۡمِنُواْ بِي لَعَلَّهُمۡ يَرۡشُدُونَ
Muvugishwamana! Abaja banje Jewe Allah nibakubaza ku binyerekeye, urabishura ko Jewe mu vy’ukuri Ndi hafi yabo cane. Ndishura igisabisho c’umusavyi iyo ansavye. Kubera ivyo rero, nibanyumvire banyemere kugira ngo bafate inzira yo kuroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa[26].
[26] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Iri hafi cane y’abaja bayo mu buryo buberanye n’icubahiro cayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
أُحِلَّ لَكُمۡ لَيۡلَةَ ٱلصِّيَامِ ٱلرَّفَثُ إِلَىٰ نِسَآئِكُمۡۚ هُنَّ لِبَاسٞ لَّكُمۡ وَأَنتُمۡ لِبَاسٞ لَّهُنَّۗ عَلِمَ ٱللَّهُ أَنَّكُمۡ كُنتُمۡ تَخۡتَانُونَ أَنفُسَكُمۡ فَتَابَ عَلَيۡكُمۡ وَعَفَا عَنكُمۡۖ فَٱلۡـَٰٔنَ بَٰشِرُوهُنَّ وَٱبۡتَغُواْ مَا كَتَبَ ٱللَّهُ لَكُمۡۚ وَكُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ حَتَّىٰ يَتَبَيَّنَ لَكُمُ ٱلۡخَيۡطُ ٱلۡأَبۡيَضُ مِنَ ٱلۡخَيۡطِ ٱلۡأَسۡوَدِ مِنَ ٱلۡفَجۡرِۖ ثُمَّ أَتِمُّواْ ٱلصِّيَامَ إِلَى ٱلَّيۡلِۚ وَلَا تُبَٰشِرُوهُنَّ وَأَنتُمۡ عَٰكِفُونَ فِي ٱلۡمَسَٰجِدِۗ تِلۡكَ حُدُودُ ٱللَّهِ فَلَا تَقۡرَبُوهَاۗ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ ءَايَٰتِهِۦ لِلنَّاسِ لَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ
Imana Allah Yarabarekuriye mw’ijoro mu kwezi kwa “Ramadhani” ko murangura amabanga y’abubatse n’abakenyezi banyu. Ni bo babafasha kugumya ibanga ry’ukutarenga ibigo[27], na mwe mukabafasha kugumya ibanga ry’ukutarenga ibigo. Imana Allah Irazi ko mwahora mwihemukira mukarangura amabanga y’abubatse n’abakenyezi banyu mw’ijoro mu kwezi kwa “Ramadhani[28]”, Iraheza Irabagirira ikigongwe Irabababarira. Guhera ubu rero, murarangura amabanga y’abubatse munarondera ico Imana Allah Yabageneye mu bibondo, munafungure mwongere munywe gushika umutwenzi w’ukuri ukitse, hanyuma mukwize amapfungo kugera izuba rirenze. Ntimuzohirahire ngo murangure amabanga y’abubatse canke ngo muhobere abakenyezi mu gihe mwiyeguriye Imana Allah mu misigiti “Itikaafu”. Izo rero, ni imbibe z’ibibujijwe n’Imana Allah, ntimukazivogere ngo muhave mugwa mu vyaha. Ukwo ni ko Imana Allah Itomorera abantu ingingo n’amabwirizwa yayo kugira ngo bayigamburukire mu kuyubahiriza.
[27] Nka kurya impuzu igumiriza ibanga uwuyambaye.
[28] Ubwa mbere bagitegekwa ukwipfunga.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَا تَأۡكُلُوٓاْ أَمۡوَٰلَكُم بَيۡنَكُم بِٱلۡبَٰطِلِ وَتُدۡلُواْ بِهَآ إِلَى ٱلۡحُكَّامِ لِتَأۡكُلُواْ فَرِيقٗا مِّنۡ أَمۡوَٰلِ ٱلنَّاسِ بِٱلۡإِثۡمِ وَأَنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Ntimukarye amatungo ya bamwe muri mwebwe mu buryo butarekuwe[29], kandi ntimugatange ivyemezo vy’ikinyoma ku batware kugira ngo mwihagire amatungo ya bamwe muri mwebwe mwisunze ikinyoma kandi na mwe nyene muzi ko kizira.
[29] Nko gukoresha indahiro y’ikinyoma, kwambura utwa murundi, kwiba, gutanga igiturire, inyungu izira “riba”, akamari, n’ibindi.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡأَهِلَّةِۖ قُلۡ هِيَ مَوَٰقِيتُ لِلنَّاسِ وَٱلۡحَجِّۗ وَلَيۡسَ ٱلۡبِرُّ بِأَن تَأۡتُواْ ٱلۡبُيُوتَ مِن ظُهُورِهَا وَلَٰكِنَّ ٱلۡبِرَّ مَنِ ٱتَّقَىٰۗ وَأۡتُواْ ٱلۡبُيُوتَ مِنۡ أَبۡوَٰبِهَاۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ لَعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ
Muvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ivyerekeye imboneko y’amezi, igituma ukwezi kuboneka ari guto, kugakura hanyuma kugasubira kuba guto! Zishure uti: “Imboneko y’amezi, ni ibimenyetso abantu bamenyerako ibihe vyo gutunganya amasengesho no gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka “Hijja”, hamwe rero n’ibindi bikorwa vyabo vya misi yose. Nta neza iri mu kwinjira amazu muciye mu busongero bwayo mu gihe co gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka, ariko rero ineza iri mu kugamburukira no mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah. Ba mwinjira amazu rero muciye mu muryango mu gihe co gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka. Muheze kandi mwumvire Imana Allah mu vyo mukora kugira ngo muroranirwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَٰتِلُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ ٱلَّذِينَ يُقَٰتِلُونَكُمۡ وَلَا تَعۡتَدُوٓاْۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُعۡتَدِينَ
Bemeramana! Nimuharanire idini ry’Imana Allah mu kurwanya ababarwanya, kandi ntimukarenganye mu kwica abantu kizira ko bicwa nk’abana, abagore n’abatama. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abarenga imbibe zayo z’ibibujijwe.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱقۡتُلُوهُمۡ حَيۡثُ ثَقِفۡتُمُوهُمۡ وَأَخۡرِجُوهُم مِّنۡ حَيۡثُ أَخۡرَجُوكُمۡۚ وَٱلۡفِتۡنَةُ أَشَدُّ مِنَ ٱلۡقَتۡلِۚ وَلَا تُقَٰتِلُوهُمۡ عِندَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ حَتَّىٰ يُقَٰتِلُوكُمۡ فِيهِۖ فَإِن قَٰتَلُوكُمۡ فَٱقۡتُلُوهُمۡۗ كَذَٰلِكَ جَزَآءُ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Murica rero ababarwanya aho muzobasanga hose, mubomore mu kubakura aho babasohoye i Makka. Igeragezwa ry’ubugarariji, ibangikanyamana hamwe rero no kuburagiza abantu kwinjira mu bwislamu, ni bibi cane kurusha kubica. Ntimukabarwanye muri mu musigiti mutagatifu kiretse mu gihe ari bo babatanguye. Nibabatangurira mu musigiti mutagatifu rero, murabica. Ni nk’iyo ndishi rero ikwiye abagarariji.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِنِ ٱنتَهَوۡاْ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Nibaheba ubugarariji no kubarwaniriza mu musigiti mutagatifu, bakaba abislamu, mu vy’ukuri Imana Allah Izobababarira, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَٰتِلُوهُمۡ حَتَّىٰ لَا تَكُونَ فِتۡنَةٞ وَيَكُونَ ٱلدِّينُ لِلَّهِۖ فَإِنِ ٱنتَهَوۡاْ فَلَا عُدۡوَٰنَ إِلَّا عَلَى ٱلظَّٰلِمِينَ
Bemeramana! Murashishikara kurwanya ababangikanyamana babasotora, gushika n’aho ata geragezwa mu kwemera rikibaho, hasigare idini ry’Imana Allah Itabangikanywa na kimwe mu biremwa. Nibaheba ubugarariji no kubarwanya, murabaha amahoro kuko nta rwanko kiretse ku birenganya mu kugarariza no mu kubarwanya.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلشَّهۡرُ ٱلۡحَرَامُ بِٱلشَّهۡرِ ٱلۡحَرَامِ وَٱلۡحُرُمَٰتُ قِصَاصٞۚ فَمَنِ ٱعۡتَدَىٰ عَلَيۡكُمۡ فَٱعۡتَدُواْ عَلَيۡهِ بِمِثۡلِ مَا ٱعۡتَدَىٰ عَلَيۡكُمۡۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلۡمُتَّقِينَ
Bemeramana! Ukurwanya ababangikanyamana mu kwezi kiziramwo kurwana, ni mu ntumbero yo kubihora kuko na bo nyene babarwanije muri ukwo kwezi. Uwurenze imbibe z’Imana Allah z’ivyaziririjwe, ahabwa igihano gisa n’icaha yakoze. Uwuzobarengera akarimbi rero, muramwivuna ingere ku yindi kuko ari we yabasotoye. Muheze rero mutinye Imana Allah ntimurenze urugezo mu kwivuna, muheze mumenye kandi ko Imana Allah Iri kumwe n’abagamburukiramana.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَأَنفِقُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَلَا تُلۡقُواْ بِأَيۡدِيكُمۡ إِلَى ٱلتَّهۡلُكَةِ وَأَحۡسِنُوٓاْۚ إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Bemeramana! Nimushishikare gutanga mu guharanira idini ry’Imana Allah, ntimukanahirahire ngo mwiyahure mu kureka gutanga no guharanira idini ry’Imana Allah, muheze rero kandi mubikore mu bugwaneza ku bw’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagwaneza bakora ivyo bakora ku bwayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَأَتِمُّواْ ٱلۡحَجَّ وَٱلۡعُمۡرَةَ لِلَّهِۚ فَإِنۡ أُحۡصِرۡتُمۡ فَمَا ٱسۡتَيۡسَرَ مِنَ ٱلۡهَدۡيِۖ وَلَا تَحۡلِقُواْ رُءُوسَكُمۡ حَتَّىٰ يَبۡلُغَ ٱلۡهَدۡيُ مَحِلَّهُۥۚ فَمَن كَانَ مِنكُم مَّرِيضًا أَوۡ بِهِۦٓ أَذٗى مِّن رَّأۡسِهِۦ فَفِدۡيَةٞ مِّن صِيَامٍ أَوۡ صَدَقَةٍ أَوۡ نُسُكٖۚ فَإِذَآ أَمِنتُمۡ فَمَن تَمَتَّعَ بِٱلۡعُمۡرَةِ إِلَى ٱلۡحَجِّ فَمَا ٱسۡتَيۡسَرَ مِنَ ٱلۡهَدۡيِۚ فَمَن لَّمۡ يَجِدۡ فَصِيَامُ ثَلَٰثَةِ أَيَّامٖ فِي ٱلۡحَجِّ وَسَبۡعَةٍ إِذَا رَجَعۡتُمۡۗ تِلۡكَ عَشَرَةٞ كَامِلَةٞۗ ذَٰلِكَ لِمَن لَّمۡ يَكُنۡ أَهۡلُهُۥ حَاضِرِي ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Muratunganya ugushengerera no kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka ku bw’Imana Allah. Nimwazitirwa n’intambamyi ibabuza kubitunganya mwamaze kubizirikana, mukambara n’urubega “ihraamu”, murabaga imbagwa iboroheye kuronka mu bitungwa, maze mwitoneshe ku Mana Allah, muheze mukure urubega rwanyu muhejeje kumwa canke kugabanya umushatsi. Ntimuzomwe umushatsi wanyu mu gihe muzitiwe mutarabagira aho nyene mwazitiriwe, muheze rero inyuma yaho mukure urubega[30]. Uwuzoba na we muri mwebwe arwaye canke afise ikimubangamiye ku mutwe gituma ategerezwa kumwa acambaye urubega, aramwa ace ategekwa icuhagizo co kwipfunga imisi itatu canke guhereza imfungurwa abakene batandatu[31] canke kubaga intungwa imwe akayigaburira aboro b’i Makka. Nimwaba naho muri mu mutekano mufise amagara meza, uwuzoba yazirikanye gusa kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka “Umra”, mu kurindira ko igihe co gushengerera ingoro ntagatifu iri
i Makka “Hijja” gishika, uyo rero arabaga mu bitungwa imbagwa imworoheye. Ataronse imbagwa, arapfunga imisi itatu akiri gushengerera mu mezi ya “Hijja”, yongere apfunge n’iyindi misi indwi mumaze gusubira mu banyu, yose hamwe izoba ibaye imisi cumi ategerezwa gupfunga. Izo ngingo zerekeye abatagira umuryango usanzwe uba i Makka. Muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mumenye kandi ko Imana Allah Ihana Igahasha uwuciye kubiri n’amabwirizwa yayo.
[30] Ukwo ni ko Intumwa y’Imana yabigenjeje igihe abahakanyi bayibuza kwinjira i Makka igeze ahitwa “Hudaybiyya”, yaciye ibagira aho nyene hanyuma iramwa umushatsi.
[31] Ahereza umwe wese muri bo ibingana n’ivyo woyoza amashi incuro zibiri.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلۡحَجُّ أَشۡهُرٞ مَّعۡلُومَٰتٞۚ فَمَن فَرَضَ فِيهِنَّ ٱلۡحَجَّ فَلَا رَفَثَ وَلَا فُسُوقَ وَلَا جِدَالَ فِي ٱلۡحَجِّۗ وَمَا تَفۡعَلُواْ مِنۡ خَيۡرٖ يَعۡلَمۡهُ ٱللَّهُۗ وَتَزَوَّدُواْ فَإِنَّ خَيۡرَ ٱلزَّادِ ٱلتَّقۡوَىٰۖ وَٱتَّقُونِ يَٰٓأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Igihe co gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka ni amezi azwi[32]. Uwuzozirikana rero kuyishengerera muri ayo mezi, kizoba kizira kuri we kurangura amabanga y’abubatse, kuvuga ibishegu n’ibindi bijanye na vyo, hamwe rero no guharira gutera urwanko n’ishavu mu gihe co gutunganya ibikorwa vy’ishengerera ry’iyo ngoro. Ico mugira cose mu vyiza, Imana Allah Irakizi kandi Izokibahembera. Muraheza rero munatekere impamba ikwiye mu rugendo rwo kuyishengerera, hamwe rero n’impamba y’ivyeza umutima. Mu vy’ukuri, impamba nziza ni igamburukiramana. Muheze rero muntinye Jewe Allah emwe bantu b’incabwenge!
[32] Ukwezi kwa cumi “Shawwaal”, ukwezi kwa cumi na rimwe “Dhu l-Qa’da” n’imisi cumi ya mbere mu kwezi kwa cumi na kabiri “Dhu l-Hijja”.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَيۡسَ عَلَيۡكُمۡ جُنَاحٌ أَن تَبۡتَغُواْ فَضۡلٗا مِّن رَّبِّكُمۡۚ فَإِذَآ أَفَضۡتُم مِّنۡ عَرَفَٰتٖ فَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ عِندَ ٱلۡمَشۡعَرِ ٱلۡحَرَامِۖ وَٱذۡكُرُوهُ كَمَا هَدَىٰكُمۡ وَإِن كُنتُم مِّن قَبۡلِهِۦ لَمِنَ ٱلضَّآلِّينَ
Nta kibi kuri mwebwe kiri mu kurondera ingabirano z’Imana yanyu Rurema Allah mu rudandazwa mu gihe co gushengerera ingoro ntagatifu. Nihagera aho mutera muva “Arafaati” mugana “Muzdalifa” izuba rimaze kurenga[33], muraninahaza mutazira musaba kenshi Imana Allah mugeze “Muzdalifa” ahagenewe kuninaharizwa Imana Allah. Murayininahaza kenshi rero ku vyo Yabashoboje Ikabarongora mu nzira yayo. Ni ukuri mwari mu bahuvye imbere yuko Ibarongora.
[33] Ku musi w’igenekerezo rya 9 mu kwezi kwa “Dhu l-Hijja” kwa 12.
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ أَفِيضُواْ مِنۡ حَيۡثُ أَفَاضَ ٱلنَّاسُ وَٱسۡتَغۡفِرُواْ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Muraheza rero, mubandanye muvuye “Muzdalifa” mutera muja “Mina” mwahereye “Arafaati”, ari na ho Intumwa y’Imana Ibrahimu yahereye, muheze munasabe Imana Allah ikigongwe. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِذَا قَضَيۡتُم مَّنَٰسِكَكُمۡ فَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ كَذِكۡرِكُمۡ ءَابَآءَكُمۡ أَوۡ أَشَدَّ ذِكۡرٗاۗ فَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يَقُولُ رَبَّنَآ ءَاتِنَا فِي ٱلدُّنۡيَا وَمَا لَهُۥ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ مِنۡ خَلَٰقٖ
Nimwaheza ibikorwa vyanyu bitegetswe mu gushengerera ingoro ntagatifu, muraninahaza mutazira Imana Allah kenshi cane, nka kurya mwigamba muhayagiza abavyeyi banyu canke murushirizeho. Burya mu bantu harimwo umugwi witwararika ivy’isi maze ugasaba uti: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe kuroranirwa mu vy’isi: amagara meza, amatungo n’ibibondo”. Abo, nta mugabane bategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنۡهُم مَّن يَقُولُ رَبَّنَآ ءَاتِنَا فِي ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٗ وَفِي ٱلۡأٓخِرَةِ حَسَنَةٗ وَقِنَا عَذَابَ ٱلنَّارِ
Muri bo kandi harimwo umugwi witwararika ubuzima bw’inyuma yo gupfa, usaba uti: “Mana yacu Rurema Allah! Duhe kuroranirwa mu vyiza vyose vy’isi no mu vyiza bidushikana mu Bwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Wongere Udukingire ibihano vyo mu muriro udahera”.
Arabic explanations of the Qur’an:
أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ نَصِيبٞ مِّمَّا كَسَبُواْۚ وَٱللَّهُ سَرِيعُ ٱلۡحِسَابِ
Abo ni bo rero bategekanirijwe umugabane w’indishi nziza ku vyo barondeye. Burya Imana Allah Irananyarutsa mu guharurira no mu guhemba abaja bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ فِيٓ أَيَّامٖ مَّعۡدُودَٰتٖۚ فَمَن تَعَجَّلَ فِي يَوۡمَيۡنِ فَلَآ إِثۡمَ عَلَيۡهِ وَمَن تَأَخَّرَ فَلَآ إِثۡمَ عَلَيۡهِۖ لِمَنِ ٱتَّقَىٰۗ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّكُمۡ إِلَيۡهِ تُحۡشَرُونَ
Muraninahaza mwongere mutazire Imana Allah mu misi imparurwa[34]. Uwuzoshaka kwihuta kuva “Mina” imbere yuko izuba rirenga ku musi ugira uw’icumi na kabiri, akaba yahejeje gutera amabuye ku biterero (Jamaraat), nta caha kuri we. N’uwuzocererwa kuva “Mina[35]”, akavayo ahejeje gutera amabuye ku biterero ku musi ugira uw’icumi na gatatu, nta caha kirimwo ku wugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza imigirwa yo gushengerera ingoro ntagatifu. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora, muheze mumenye kandi ko muzokwegeranirizwa kuri Yo, kugira Ibaharurire Yongere Ibahembere ivyo mwakoze.
[34] Ni imisi itatu ikurikirana, igenekerezo rya 11, 12 na 13 ikurikira ilayidi nkuru mu kwezi kwa “Dhu l-Hijja” kwa 12.
[35] Ugucererwa kuva “Mina”, ukavayo uhejeje gutera amabuye ku biterero ku musi ugira uw’icumi na gatatu, ni na vyo vyiza kuko ari ko Intumwa yabigenjeje.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يُعۡجِبُكَ قَوۡلُهُۥ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَيُشۡهِدُ ٱللَّهَ عَلَىٰ مَا فِي قَلۡبِهِۦ وَهُوَ أَلَدُّ ٱلۡخِصَامِ
Ntumwa y’Imana! Burya mu bantu harimwo indyarya, uryoherwa n’ivyo ivuga mu kurondera ivy’isi, ikarahira ikarengwa ko ikunda ubwislamu, ikanubahuka kugira Imana Allah Icabona ku biri mu mutima wayo, kandi ari yo mwansi mubi w’ubwislamu;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا تَوَلَّىٰ سَعَىٰ فِي ٱلۡأَرۡضِ لِيُفۡسِدَ فِيهَا وَيُهۡلِكَ ٱلۡحَرۡثَ وَٱلنَّسۡلَۚ وَٱللَّهُ لَا يُحِبُّ ٱلۡفَسَادَ
Ntumwa y’Imana! Iyo yikebanuye muvanye, irakerebuka ica hirya n’ino kw’isi mu bwononyi, kugira ngo ihonye ibiterwa n’ibitungwa. Burya Imana Allah ntikunda na gato ubwononyi;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا قِيلَ لَهُ ٱتَّقِ ٱللَّهَ أَخَذَتۡهُ ٱلۡعِزَّةُ بِٱلۡإِثۡمِۚ فَحَسۡبُهُۥ جَهَنَّمُۖ وَلَبِئۡسَ ٱلۡمِهَادُ
Iyo nya ndyarya ihanuwe iti: “Tinya Imana Allah maze wiyubare ibihano vyayo, uheze uvavanure n’ubwononyi”, ica itwarwa n’ubwishime mu kubandanya ikora ivyaha. Kubera ivyo, irakwiye guhanwa mu muriro wa Jahannamu, n’ukuri ni na bwo busaswa bubi cane.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنَ ٱلنَّاسِ مَن يَشۡرِي نَفۡسَهُ ٱبۡتِغَآءَ مَرۡضَاتِ ٱللَّهِۚ وَٱللَّهُ رَءُوفُۢ بِٱلۡعِبَادِ
Mu bantu harimwo kandi n’uwiguze ugushimwa n’Imana Allah mu guharanira idini ryayo. Burya Imana Allah ni na Yo Nyenikigongwe ku baja bayo b’abatoni.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱدۡخُلُواْ فِي ٱلسِّلۡمِ كَآفَّةٗ وَلَا تَتَّبِعُواْ خُطُوَٰتِ ٱلشَّيۡطَٰنِۚ إِنَّهُۥ لَكُمۡ عَدُوّٞ مُّبِينٞ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimufate nkama amabwirizwa yose y’ubwislamu, maze muyubahirize ata na rimwe mwirengagije muri yo, kandi ntimugakurikire inzira za shetani mu guca kubiri n’amabwirizwa yabwo. Mu vy’ukuri, shetani ni umwansi wanyu agaragara.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِن زَلَلۡتُم مِّنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَتۡكُمُ ٱلۡبَيِّنَٰتُ فَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٌ
Nimwahusha inzira y’ukuri mu nyuma y’aho mushikiriwe n’ivyemezo bitomoye muri Qor’ani no mu nyigisho z’intumwa, muramenya ko Imana Allah ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Arabic explanations of the Qur’an:
هَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّآ أَن يَأۡتِيَهُمُ ٱللَّهُ فِي ظُلَلٖ مِّنَ ٱلۡغَمَامِ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ وَقُضِيَ ٱلۡأَمۡرُۚ وَإِلَى ٱللَّهِ تُرۡجَعُ ٱلۡأُمُورُ
Inyuma y’ivyo vyemezo rero, abagarariji nta kindi barindiriye kiretse igihe Imana Allah Yaje mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, mu gitutu c’ibicu hamwe n’abamalayika ku musi w’izuka, ico gihe rero Ikazobacira urutunganye. Kandi rero ibiremwa vyose bizosubira kuri Yo kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
Arabic explanations of the Qur’an:
سَلۡ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ كَمۡ ءَاتَيۡنَٰهُم مِّنۡ ءَايَةِۭ بَيِّنَةٖۗ وَمَن يُبَدِّلۡ نِعۡمَةَ ٱللَّهِ مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَتۡهُ فَإِنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Ntumwa y’Imana! Baza Bene Israyeli bakwihambazako, Twabahaye Aayah n’ivyemezo bitomoye bingahe biri mu Bitabu vyabo bahakanye, bakanabihindagura! Uwuzohindura inema y’idini ry’Imana Allah akayigarariza inyuma yuko imushikiriye akanayitahura, aramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah Ihana Igahasha abagarariji.
Arabic explanations of the Qur’an:
زُيِّنَ لِلَّذِينَ كَفَرُواْ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَا وَيَسۡخَرُونَ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْۘ وَٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ فَوۡقَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ وَٱللَّهُ يَرۡزُقُ مَن يَشَآءُ بِغَيۡرِ حِسَابٖ
Ubuzima bwo kw’isi busharijwe n’ibihendamaso ku bahakana bivuye inyuma ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, bakanasuzugura abemeramana. Abagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ku musi w’izuka bazoba bari hejuru yabo mu Bwami bw’ijuru. Burya Imana Allah Itanga Idaharuye ingabirano zayo ku wo Ishaka mu biremwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
كَانَ ٱلنَّاسُ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ فَبَعَثَ ٱللَّهُ ٱلنَّبِيِّـۧنَ مُبَشِّرِينَ وَمُنذِرِينَ وَأَنزَلَ مَعَهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ بِٱلۡحَقِّ لِيَحۡكُمَ بَيۡنَ ٱلنَّاسِ فِيمَا ٱخۡتَلَفُواْ فِيهِۚ وَمَا ٱخۡتَلَفَ فِيهِ إِلَّا ٱلَّذِينَ أُوتُوهُ مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَتۡهُمُ ٱلۡبَيِّنَٰتُ بَغۡيَۢا بَيۡنَهُمۡۖ فَهَدَى ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لِمَا ٱخۡتَلَفُواْ فِيهِ مِنَ ٱلۡحَقِّ بِإِذۡنِهِۦۗ وَٱللَّهُ يَهۡدِي مَن يَشَآءُ إِلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٍ
Burya rero, abantu bari umugwi umwe mu kwemera Imana Imwe Rudende Allah hanyuma baracanamwo mw’idini, Imana Allah Iraheza Irungika Abavugishwamana bashikiriza inkuru nziza abumviramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, bagabisha n’abagarariji ku bihano vy’umuriro. Yaranabarungikanye vy’ukuri Ibitabu bishimangira ukuri, kugira ngo bavyisunge mu gutunganiriza abantu ku vyo bahazanako. Nta bahazanye rero ku bijanye no kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) na Qor’ani, kiretse abahawe Igitabu ca Tawurati, inyuma y’aho bashikiriwe n’ivyemezo bitomoye biri muri co ko ari Intumwa y’ukuri, bikaba vyagenze ukwo ku kubera akadenderezo n’ishari bayifitiye. Ni ho rero Imana Allah Yaheza Ikarongora ku burenganzira bwayo, abemeye mu gutandukanya ukuri n’ikinyoma ku vyo bahazanyeko. Burya Imana Allah Irongora uwo Ishatse mu nzira yayo igororotse.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَمۡ حَسِبۡتُمۡ أَن تَدۡخُلُواْ ٱلۡجَنَّةَ وَلَمَّا يَأۡتِكُم مَّثَلُ ٱلَّذِينَ خَلَوۡاْ مِن قَبۡلِكُمۖ مَّسَّتۡهُمُ ٱلۡبَأۡسَآءُ وَٱلضَّرَّآءُ وَزُلۡزِلُواْ حَتَّىٰ يَقُولَ ٱلرَّسُولُ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَعَهُۥ مَتَىٰ نَصۡرُ ٱللَّهِۗ أَلَآ إِنَّ نَصۡرَ ٱللَّهِ قَرِيبٞ
Bemeramana! Ahubwo rero, mwibaza none ko mwokwinjira mu Bwami bw’ijuru mutarashikirwa n’ibigeragezo nk’ivyashikiye abakurambere banyu mu kwemera! Barakozweko n’ubukene, indwara n’ubwoba, barahinda igisamagugu[36] bitewe n’ukuntu bageragejwe, gushika aho Intumwa n’abemeramana bari kumwe bavuga bati: “Intsinzi y’Imana Allah izoshika ryari?”. Bantu! Nimwumve mwumvireho! Burya intsinzi iturutse ku Mana Allah iri hafi ku bemera.
[36] Guhinda igisamagugu, ni ukurengerwa n’ingorane ukabura aho witura.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَسۡـَٔلُونَكَ مَاذَا يُنفِقُونَۖ قُلۡ مَآ أَنفَقۡتُم مِّنۡ خَيۡرٖ فَلِلۡوَٰلِدَيۡنِ وَٱلۡأَقۡرَبِينَ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَٱبۡنِ ٱلسَّبِيلِۗ وَمَا تَفۡعَلُواْ مِنۡ خَيۡرٖ فَإِنَّ ٱللَّهَ بِهِۦ عَلِيمٞ
Muvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ico zotanga n’abo zogiha! Zishure uti: “Ni ivyo mushoboye gutanga mu vyiza bivuye mu matungo yanyu mukabihereza abavyeyi, incuti za hafi mu muryango, impfuvyi, abakene hamwe rero n’abakehaniwe ku rugendo. N’ikindi ico ari co cose muzokora mu vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi kandi Izokibahembera”.
Arabic explanations of the Qur’an:
كُتِبَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡقِتَالُ وَهُوَ كُرۡهٞ لَّكُمۡۖ وَعَسَىٰٓ أَن تَكۡرَهُواْ شَيۡـٔٗا وَهُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡۖ وَعَسَىٰٓ أَن تُحِبُّواْ شَيۡـٔٗا وَهُوَ شَرّٞ لَّكُمۡۚ وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ وَأَنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ
Bemeramana! Mwarategetswe kurwana n’abagarariji kandi muri kamere k’umuntu mwanka indwano. Burya rero hari aho mwokwanka ikintu kandi kirimwo ineza kuri mwebwe; hari n’aho mwokunda ikintu kandi kirimwo inabi kuri mwebwe. Burya Imana Allah Irazi ikirimwo ineza kuri mwebwe, mu gihe mwebwe ata vyo muzi.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلشَّهۡرِ ٱلۡحَرَامِ قِتَالٖ فِيهِۖ قُلۡ قِتَالٞ فِيهِ كَبِيرٞۚ وَصَدٌّ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَكُفۡرُۢ بِهِۦ وَٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ وَإِخۡرَاجُ أَهۡلِهِۦ مِنۡهُ أَكۡبَرُ عِندَ ٱللَّهِۚ وَٱلۡفِتۡنَةُ أَكۡبَرُ مِنَ ٱلۡقَتۡلِۗ وَلَا يَزَالُونَ يُقَٰتِلُونَكُمۡ حَتَّىٰ يَرُدُّوكُمۡ عَن دِينِكُمۡ إِنِ ٱسۡتَطَٰعُواْۚ وَمَن يَرۡتَدِدۡ مِنكُمۡ عَن دِينِهِۦ فَيَمُتۡ وَهُوَ كَافِرٞ فَأُوْلَٰٓئِكَ حَبِطَتۡ أَعۡمَٰلُهُمۡ فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku bijanye n’indwano, ko irekuwe mu kwezi gutagatifu! Bishure uti: “Kurwana mu kwezi gutagatifu ni icaha gikomeye, ariko kuburagiza abantu kwinjira mw’idini ry’Imana Allah, guhakana Imana Allah, kubuza abantu kwinjira mu musigiti mutagatifu w’i Makka no kwomora mu gisagara c’i Makka Intumwa n’abemeramana, ni co caha gikomeye cane ku Mana Allah, gusumba icaha co kurwana mu kwezi gutagatifu. Kandi burya ibangikanyamana ryanyu, ni ribi cane kurusha kwica mu kwezi gutagatifu. Kandi rero abagarariji ntibazoreka kubarwanya gushika babakuye mw’idini ryanyu ry’ubwislamu mukabakurikira, nibaba bazobishobora! Uwo wese muri mwebwe rero, azota idini ryiwe akabakurikira, maze agapfa akiri umugarariji, uyo ari mu bantu ibikorwa vyabo bizohunguruka bikababera impfagusa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo ni na bo bantu rero bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَٱلَّذِينَ هَاجَرُواْ وَجَٰهَدُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ أُوْلَٰٓئِكَ يَرۡجُونَ رَحۡمَتَ ٱللَّهِۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, abimutse bagata izabo, hamwe rero n’abitanga mu guharanira idini ry’Imana Allah, abo ni bo rero baziga kuronka impuhwe n’indishi z’Imana Allah. Burya Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡخَمۡرِ وَٱلۡمَيۡسِرِۖ قُلۡ فِيهِمَآ إِثۡمٞ كَبِيرٞ وَمَنَٰفِعُ لِلنَّاسِ وَإِثۡمُهُمَآ أَكۡبَرُ مِن نَّفۡعِهِمَاۗ وَيَسۡـَٔلُونَكَ مَاذَا يُنفِقُونَۖ قُلِ ٱلۡعَفۡوَۗ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمُ ٱلۡأٓيَٰتِ لَعَلَّكُمۡ تَتَفَكَّرُونَ
Muvugishwamana! Abislamu barakubaza ingingo ijanye no kunywa, kugura no kugurisha inzoga[37], hamwe rero n’ingingo ijanye no gukina urusimbi[38]! Bishure uti: “Vyompi birimwo ivyaha n’ubwononyi bikomeye mw’idini, mw’isesagurwa ry’amatungo n’isinzikazwa ry’amagara mu buzima. Harimwo n’inyungu rero ku bantu mu vy’isi, ariko ivyaha n’ubwononyi birimwo, bifise ingaruka mbi cane kurusha inyungu zavyo[39]”. Baranakubaza kandi urugero rw’ivyo botanga mu mperezwa ku bushake! Bishure uti: “Nimutange ikirenze ku vyo mukeneye”. Ni nk’ukwo rero, Imana Allah Ibatomorera Aayah n’ingingo zayo kugira ngo mwiyumvire muheze mutahure icobagirira akamaro;
[37] Inzoga, ni ikintu ico ari co cose kiborera, caba ari ikinyobwa, icokurya canke ico kwimotereza.
[38] Urusimbi, ni ugukinira kuronka canke gutanga amahera hakoreshejwe urwenge.
[39] Iyi Aayah yamanutse ubwa mbere nk’integuza yo kuziririza inzoga n’urusimbi. Iyi Aayah rero yerekana na canecane ko inzoga n’urusimbi bifise ingaruka mbi cane ku muntu; biramusamaza mu kutaninahaza no kudasenga Imana Allah, bitera urwanko n’inzigo mu bantu, bituma kandi haba isesagurwa no kunyonora amatungo hakoreshejwe urwenge.
Arabic explanations of the Qur’an:
فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِۗ وَيَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡيَتَٰمَىٰۖ قُلۡ إِصۡلَاحٞ لَّهُمۡ خَيۡرٞۖ وَإِن تُخَالِطُوهُمۡ فَإِخۡوَٰنُكُمۡۚ وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ ٱلۡمُفۡسِدَ مِنَ ٱلۡمُصۡلِحِۚ وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَأَعۡنَتَكُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٞ
kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Baranakubaza ku bijanye n’ico bokorera impfuvyi zitaragera mu bigero! Bishure uti: “Kuzitunganiriza ikizifitiye akamaro gusumba ni vyo vyiza. Nimwabana na zo mu buzima bwa misi yose, murazifata nka benewanyu mu kwemera maze muzitunganirize”. Burya Imana Allah Irazi neza umwononyi n’uwurajwe ishinga no kuzitunganiriza. Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubaremereza mu kubabuza kubana na zo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَا تَنكِحُواْ ٱلۡمُشۡرِكَٰتِ حَتَّىٰ يُؤۡمِنَّۚ وَلَأَمَةٞ مُّؤۡمِنَةٌ خَيۡرٞ مِّن مُّشۡرِكَةٖ وَلَوۡ أَعۡجَبَتۡكُمۡۗ وَلَا تُنكِحُواْ ٱلۡمُشۡرِكِينَ حَتَّىٰ يُؤۡمِنُواْۚ وَلَعَبۡدٞ مُّؤۡمِنٌ خَيۡرٞ مِّن مُّشۡرِكٖ وَلَوۡ أَعۡجَبَكُمۡۗ أُوْلَٰٓئِكَ يَدۡعُونَ إِلَى ٱلنَّارِۖ وَٱللَّهُ يَدۡعُوٓاْ إِلَى ٱلۡجَنَّةِ وَٱلۡمَغۡفِرَةِ بِإِذۡنِهِۦۖ وَيُبَيِّنُ ءَايَٰتِهِۦ لِلنَّاسِ لَعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ
Bislamu! Ntimukabire ababangikanyamanakazi batabanje kwemera bakaba abislamu. Burya umuguranokazi atagira shinge na rugero yemera Imana Allah, ni we mwiza ahimbaye kuruta umubangikanyamanakazi n’aho mwomugomwa. Ntimugashingire ababangikanyamana batabanje kwemera bakaba abislamu. Burya umugurano atagira shinge na rugero yemera Imana Allah, ni we mwiza ahimbaye kuruta umubangikanyamana n’aho mwomugomwa. Abo babangikanyamana ni bo rero bararikira abantu kuja mu muriro, Imana Allah na Yo Ikararikira abaja bayo ku burenganzira bwayo, kuja mw’idini ryayo ry’ubwislamu rizobashikana mu Bwami bw’ijuru no kugumirizwa akabanga ku vyaha vyabo ntibibahanire, Ikanatomorera abantu Aayah n’ingingo zayo kugira ngo bibuke baheze bikebuke.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَيَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡمَحِيضِۖ قُلۡ هُوَ أَذٗى فَٱعۡتَزِلُواْ ٱلنِّسَآءَ فِي ٱلۡمَحِيضِ وَلَا تَقۡرَبُوهُنَّ حَتَّىٰ يَطۡهُرۡنَۖ فَإِذَا تَطَهَّرۡنَ فَأۡتُوهُنَّ مِنۡ حَيۡثُ أَمَرَكُمُ ٱللَّهُۚ إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلتَّوَّٰبِينَ وَيُحِبُّ ٱلۡمُتَطَهِّرِينَ
Muvugishwamana! Barakubaza ku bijanye n’ubutinyanka. Bishure uti: “Ubutinyanka burabangamye! Muririnda rero kurangura amabanga y’abubatse mu gihe abakenyezi bari mu butinyanka. Ntimuzohirahire rero ngo murangurane na bo amabanga y’abubatse gushika babuvemwo baheze bihumanure mu kwiyuhagira. Nibabuvamwo bakiyuhagira, muraheza murangurane na bo amabanga y’abubatse aho murekuriwe n’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abigaya kenshi, Iranakunda abisukuye mu kwiyeza ivyaha n’umwanda”.
Arabic explanations of the Qur’an:
نِسَآؤُكُمۡ حَرۡثٞ لَّكُمۡ فَأۡتُواْ حَرۡثَكُمۡ أَنَّىٰ شِئۡتُمۡۖ وَقَدِّمُواْ لِأَنفُسِكُمۡۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّكُم مُّلَٰقُوهُۗ وَبَشِّرِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Abakenyezi banyu ni zo ndimiro zanyu muteramwo intanga hakavuka abana. Kubera ivyo rero, nimurangurane n’abakenyezi banyu amabanga y’abubatse ahategetswe mu buryo bwose mwipfuza, munakore ibikorwa vyiza bitegetswe ku neza yanyu. Kandi rero mugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze mumenye ko muzohura na Yo ku musi w’izuka Ikabahembera ivyo mwakoze. Muvugishwamana! Kubera ivyo rero, shikiriza abemeramana inkuru nziza ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَا تَجۡعَلُواْ ٱللَّهَ عُرۡضَةٗ لِّأَيۡمَٰنِكُمۡ أَن تَبَرُّواْ وَتَتَّقُواْ وَتُصۡلِحُواْ بَيۡنَ ٱلنَّاسِۚ وَٱللَّهُ سَمِيعٌ عَلِيمٞ
Bislamu! Ntimukagire indahiro zanyu ku Mana Allah inzitizi ibabuza gukorera ineza benewanyu, kugamburukira Imana Allah, hamwe rero no gutunganiriza abantu[40]. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana.
[40] Aho ni mu gihe umuntu yorahira kw’Izina ry’Imana Allah kudakora kimwe muri ivyo bidondaguwe, ntibishemeye namba ko yoreka kubikora yitwaza ko adakwiye kurenga ku ndahiro, ahubwo araheza agakora nya vyiza, hanyuma akagira icuhagizo co kurenga ku ndahiro, agaheza rero agafungurira canke akambika abakene cumi, canke agaha ubwigenge umugurano, canke rero agapfunga imisi itatu.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَّا يُؤَاخِذُكُمُ ٱللَّهُ بِٱللَّغۡوِ فِيٓ أَيۡمَٰنِكُمۡ وَلَٰكِن يُؤَاخِذُكُم بِمَا كَسَبَتۡ قُلُوبُكُمۡۗ وَٱللَّهُ غَفُورٌ حَلِيمٞ
Imana Allah ntizobahanira kwisubirako ku ndahiro zanyu murahiye ku kwihenda bidatewe no gushaka kwanyu, ariko Izobahanira kwisubirako ku ndahiro mwarahiriye nkana ku gushaka kwanyu, burya Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenubwitonzi-ntangere.
Arabic explanations of the Qur’an:
لِّلَّذِينَ يُؤۡلُونَ مِن نِّسَآئِهِمۡ تَرَبُّصُ أَرۡبَعَةِ أَشۡهُرٖۖ فَإِن فَآءُو فَإِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Abazorahira ko batazorangura amabanga y’abubatse n’abakenyezi babo mu buzima bwabo bwose canke mu kiringo kirenga amezi ane, bafise ikiringo c’amezi ane co kwisubirako, nibisubirako ku ndahiro imbere yuko amezi ane arangira, mu vy’ukuri Imana Allah Izobababarira, ni Nyenikigongwe-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِنۡ عَزَمُواْ ٱلطَّلَٰقَ فَإِنَّ ٱللَّهَ سَمِيعٌ عَلِيمٞ
Nibapfundika ingingo yo kwahukana naho, bakaguma ku ndahiro yabo y’ukutarangura amabanga y’abubatse muri nya kiringo, mu vy’ukuri Imana Allah Irumva ivyo bavuga, Irazi neza n’ivyo bazirikana, kandi Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱلۡمُطَلَّقَٰتُ يَتَرَبَّصۡنَ بِأَنفُسِهِنَّ ثَلَٰثَةَ قُرُوٓءٖۚ وَلَا يَحِلُّ لَهُنَّ أَن يَكۡتُمۡنَ مَا خَلَقَ ٱللَّهُ فِيٓ أَرۡحَامِهِنَّ إِن كُنَّ يُؤۡمِنَّ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۚ وَبُعُولَتُهُنَّ أَحَقُّ بِرَدِّهِنَّ فِي ذَٰلِكَ إِنۡ أَرَادُوٓاْ إِصۡلَٰحٗاۚ وَلَهُنَّ مِثۡلُ ٱلَّذِي عَلَيۡهِنَّ بِٱلۡمَعۡرُوفِۚ وَلِلرِّجَالِ عَلَيۡهِنَّ دَرَجَةٞۗ وَٱللَّهُ عَزِيزٌ حَكِيمٌ
Abakenyezi bahukanye bagishobora kuja mu butinyanka, bategerezwa kwarama (eda) ikiringo co kuja canke kuva mu butinyanka gatatu, kugira hamenyekane ko boba bafise imbanyi. Muri ico kiringo, ntibarekuriwe kwabirwa, canke kunyegeza ico Imana Allah Yaremye mu bitereko vyabo; imbanyi canke ubutinyanka nibaba bemera vy’ukuri Imana Allah n’umusi w’imperuka. Abagabo babo muri ico kiringo, ni bo bafise uburenganzira bwo kubasubirana mu gihe bobikora ku neza mu ntumbero yo gusubiza hamwe. Abakenyezi na bo barafise uburenganzira n’agateka ku bagabo babo; nk’ako abagabo babo babafiseko ku neza. Kandi rero abagabo barafise agateka karenzeko ku bakenyezi gashingiye ku guhagararira no kubeshaho umuryango no gufata ingingo yo kwahukana. Burya rero Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلطَّلَٰقُ مَرَّتَانِۖ فَإِمۡسَاكُۢ بِمَعۡرُوفٍ أَوۡ تَسۡرِيحُۢ بِإِحۡسَٰنٖۗ وَلَا يَحِلُّ لَكُمۡ أَن تَأۡخُذُواْ مِمَّآ ءَاتَيۡتُمُوهُنَّ شَيۡـًٔا إِلَّآ أَن يَخَافَآ أَلَّا يُقِيمَا حُدُودَ ٱللَّهِۖ فَإِنۡ خِفۡتُمۡ أَلَّا يُقِيمَا حُدُودَ ٱللَّهِ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡهِمَا فِيمَا ٱفۡتَدَتۡ بِهِۦۗ تِلۡكَ حُدُودُ ٱللَّهِ فَلَا تَعۡتَدُوهَاۚ وَمَن يَتَعَدَّ حُدُودَ ٱللَّهِ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلظَّٰلِمُونَ
Ukwahukana ubwo gusubirana ni incuro zibiri gusa. Muri ico gihe, ingingo yubahirizwa, ni ugusubirana bakabana ku neza, canke bakahukana hubahirijwe agateka n’icubahiro c’umukenyezi mu bugwaneza mu kutandagazwa. Kandi ntimurekuriwe gusaba gusubizwa na kimwe mu nkwano canke ibindi mwabahaye, kiretse mu gihe abubakanye botinya ko batubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse, muri ico gihe rero baraheza bahanuze abahagarariye imiryango, abo nimwatinya ko abubakanye batokwubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse, nta kibi kiri mu kwumvikana gusubizwa inkwano, kugira ngo umugabo aheze yemere kwahukana. Izo ngingo ni imbibe z’ibitegetswe n’Imana Allah ntimukazirengeko ngo mucike ibigaba. Abarenga imbibe z’ibitegetswe n’Imana Allah, abo rero ni bo birenganya.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِن طَلَّقَهَا فَلَا تَحِلُّ لَهُۥ مِنۢ بَعۡدُ حَتَّىٰ تَنكِحَ زَوۡجًا غَيۡرَهُۥۗ فَإِن طَلَّقَهَا فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡهِمَآ أَن يَتَرَاجَعَآ إِن ظَنَّآ أَن يُقِيمَا حُدُودَ ٱللَّهِۗ وَتِلۡكَ حُدُودُ ٱللَّهِ يُبَيِّنُهَا لِقَوۡمٖ يَعۡلَمُونَ
Umugabo niyahukana n’umugore wiwe rero ku ncuro igira gatatu, ntazoba arekuriwe kumwabira inyuma y’aho, kiretse abanje kwabirwa n’uwundi mugabo ku bushake bwabo bakarangurana n’amabanga y’abubatse. Ico gihe rero bishitse nya mugore akahukana canke agapfakara, nta caha kiri mu gusubirana n’urya wa mbere akamwabira bushasha, mu gihe bokwibwira ko bazokwubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse nk’uko bitegetswe n’Imana Allah. Izo ngingo rero, ni imbibe ntarengwa z’Imana Allah Itomorera abantu bazi akamaro ko kuzubahiriza.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا طَلَّقۡتُمُ ٱلنِّسَآءَ فَبَلَغۡنَ أَجَلَهُنَّ فَأَمۡسِكُوهُنَّ بِمَعۡرُوفٍ أَوۡ سَرِّحُوهُنَّ بِمَعۡرُوفٖۚ وَلَا تُمۡسِكُوهُنَّ ضِرَارٗا لِّتَعۡتَدُواْۚ وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ فَقَدۡ ظَلَمَ نَفۡسَهُۥۚ وَلَا تَتَّخِذُوٓاْ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ هُزُوٗاۚ وَٱذۡكُرُواْ نِعۡمَتَ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡ وَمَآ أَنزَلَ عَلَيۡكُم مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِ وَٱلۡحِكۡمَةِ يَعِظُكُم بِهِۦۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٞ
Nimwahukana n’abakenyezi banyu bakarama mu kiringo ca “eda[41]”, nibaba bari mu guheza ico kiringo, murabagumya mushoboye kwubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse, muheze mubasubirane ku neza, canke mubareke ku neza ico kiringo giheze. Ntimuzohirahire ngo mubagumye mu ntumbero yo kubahohotera mu kutubahiriza uburenganzira n’agateka k’abubatse. Uwuzogira ivyo, azoba yirenganije ku bihano bimurindiriye. Kandi rero ntimukagire Aayah n’ingingo z’Imana Allah itebura n’ifyinata. Muraheza mwibuke inema y’ubwislamu no gutomorerwa ingingo mwahawe n’Imana Allah, mwongere mwibuke kugendera Qor’ani n’imigenzo y’intumwa Yabamanuriye, Ibahanura ko mutobica kubiri. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ari Nyenubumenyi ku vyo mukora vyose, kandi Izobibahembera.
[41] Ukwaramira ukwahukana mu bwislamu, kuri mu bwoko bubiri: hari ukwaramira ukwahukana ubwo gusubirana. Kukaba ari kwo kuvugwa ng'aha aho abahukanye bashobora gusubirana mu gihe bovyipfuza imbere yuko ikiringo gitegekanijwe kirangira. Hakaba rero n'ukwaramira ukwahukana ubutagisubirana n'aho bovyipfuza.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا طَلَّقۡتُمُ ٱلنِّسَآءَ فَبَلَغۡنَ أَجَلَهُنَّ فَلَا تَعۡضُلُوهُنَّ أَن يَنكِحۡنَ أَزۡوَٰجَهُنَّ إِذَا تَرَٰضَوۡاْ بَيۡنَهُم بِٱلۡمَعۡرُوفِۗ ذَٰلِكَ يُوعَظُ بِهِۦ مَن كَانَ مِنكُمۡ يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۗ ذَٰلِكُمۡ أَزۡكَىٰ لَكُمۡ وَأَطۡهَرُۚ وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ وَأَنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ
Nimwahukana n’abakenyezi banyu ubwo gusubirana, maze ikiringo co kwarama ca eda kigahera mutabasubiranye, ntimuzobabuze gusubira kwabirwa bushasha n’abahoze ari abagabo babo nibavyipfuza bakavyumvikana ku neza. Iyo ni impanuro ihabwa uwuzoba muri mwebwe yemera Imana Allah n’umusi w’imperuka. Ukutababuza gusubira kwabirwa, ni co kirimwo imigisha n’indishi nta ngere, hamwe rero n’icubahiro kuri mwebwe. Burya Imana Allah Irazi ibirimwo ineza yanyu mu gihe mwebwe ata vyo muzi.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَٱلۡوَٰلِدَٰتُ يُرۡضِعۡنَ أَوۡلَٰدَهُنَّ حَوۡلَيۡنِ كَامِلَيۡنِۖ لِمَنۡ أَرَادَ أَن يُتِمَّ ٱلرَّضَاعَةَۚ وَعَلَى ٱلۡمَوۡلُودِ لَهُۥ رِزۡقُهُنَّ وَكِسۡوَتُهُنَّ بِٱلۡمَعۡرُوفِۚ لَا تُكَلَّفُ نَفۡسٌ إِلَّا وُسۡعَهَاۚ لَا تُضَآرَّ وَٰلِدَةُۢ بِوَلَدِهَا وَلَا مَوۡلُودٞ لَّهُۥ بِوَلَدِهِۦۚ وَعَلَى ٱلۡوَارِثِ مِثۡلُ ذَٰلِكَۗ فَإِنۡ أَرَادَا فِصَالًا عَن تَرَاضٖ مِّنۡهُمَا وَتَشَاوُرٖ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡهِمَاۗ وَإِنۡ أَرَدتُّمۡ أَن تَسۡتَرۡضِعُوٓاْ أَوۡلَٰدَكُمۡ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ إِذَا سَلَّمۡتُم مَّآ ءَاتَيۡتُم بِٱلۡمَعۡرُوفِۗ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ
Abavyeyi[42] basabwa kwonsa abana babo imyaka ibiri ikwiriye ku wushaka kwonsa bikwiye. Muri ico gihe, ba se na bo basabwa gufungurira no kwambika abavyeyi bonsa ku neza hisunzwe ubushobozi bafise, kuko Imana Allah ntitegeka umuntu kiretse ico ashoboye. Umwana ntazobe inyendamuvano yo guhohotera nyina, eka ntazonabe inyendamuvano yo guhohotera se. Uwutorana mu gihe se yahwereye, na we ategetswe kwubahiriza ivyari bitegetswe umuhisi gufungurira no kwambika uwonsa. Mu gihe abo bavyeyi bokenera gucutsa uyo mwana bavyishakiye, bakavyumvikana ku neza y’uwo mwana imbere yuko imyaka ibiri ihera, nta caha kirimwo kuri bo. Nimwashaka naho kumwonkesha ku wundi muvyeyi atari nyina, nta caha kirimwo nimwatekerera nyina mukongera mugahereza uwumwonsa agashimwe ku neza hisunzwe imibereho y’aho hantu. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kuyigamburukira mu vyo mukora vyose, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ivyo mukora vyose Ibibona neza, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera.
[42] Ni mu gihe bahukanye bafise umwana yonka.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱلَّذِينَ يُتَوَفَّوۡنَ مِنكُمۡ وَيَذَرُونَ أَزۡوَٰجٗا يَتَرَبَّصۡنَ بِأَنفُسِهِنَّ أَرۡبَعَةَ أَشۡهُرٖ وَعَشۡرٗاۖ فَإِذَا بَلَغۡنَ أَجَلَهُنَّ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ فِيمَا فَعَلۡنَ فِيٓ أَنفُسِهِنَّ بِٱلۡمَعۡرُوفِۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ
N’abapfuye muri mwebwe abagabo bagasiga abakenyezi, abapfakazi bategetswe kugandarira abagabo babo ikiringo c’amezi ane n’imisi cumi[43]. Ico kiringo nibagiheza, nta caha kuri mwebwe muhagarikiye umuryango ku vyo bokora ku neza mu kwidegemvya mu ruja n’uruza, gushaza no kwabirwa bubahirije amategeko. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Muhetuziwavyose, kandi Izobibahembera.
[43] Muri ico kiringo co kugandara, kirazira gusohoka mu rugo ata mvo ihambaye, gushaza hamwe rero no kwabirwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ فِيمَا عَرَّضۡتُم بِهِۦ مِنۡ خِطۡبَةِ ٱلنِّسَآءِ أَوۡ أَكۡنَنتُمۡ فِيٓ أَنفُسِكُمۡۚ عَلِمَ ٱللَّهُ أَنَّكُمۡ سَتَذۡكُرُونَهُنَّ وَلَٰكِن لَّا تُوَاعِدُوهُنَّ سِرًّا إِلَّآ أَن تَقُولُواْ قَوۡلٗا مَّعۡرُوفٗاۚ وَلَا تَعۡزِمُواْ عُقۡدَةَ ٱلنِّكَاحِ حَتَّىٰ يَبۡلُغَ ٱلۡكِتَٰبُ أَجَلَهُۥۚ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا فِيٓ أَنفُسِكُمۡ فَٱحۡذَرُوهُۚ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ غَفُورٌ حَلِيمٞ
Nta n’icaha kuri mwebwe abagabo, mu gihe mwogira icerekana mudahishutse ko mwipfuza kwabira abakenyezi bagandaye, canke baramye ubutagisubirana, eka nta n’icaha kuri mwebwe mu gihe mwokwipfuza kubabira mukabigumiza ku mutima ntimubiserure. Imana Allah Irazi ko muzogira ico mubavuzeko bakigandaye, ariko rero, ntimuzobizeze mw’ibanga ngo mugire ico mukoze[44] mwiherereye ico kiringo kitararangira, kiretse nko kubabwira akajambo keza[45]. Ntimuzotegure kubabira mu gihe bakigandaye imbere yuko ikiringo kirangira. Muraheza rero mumenye ko Imana Allah Izi ivyo muhishije mu mitima yanyu maze muyiyubare. Muheze mumenye kandi ko Imana Allah ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana.
[44] Nko kubabira canke kubashurashuza.
[45] Nko kuvuga uti: “Abagabo barakeneye umukenyezi yiyubashe nkawe!” .
Arabic explanations of the Qur’an:
لَّا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ إِن طَلَّقۡتُمُ ٱلنِّسَآءَ مَا لَمۡ تَمَسُّوهُنَّ أَوۡ تَفۡرِضُواْ لَهُنَّ فَرِيضَةٗۚ وَمَتِّعُوهُنَّ عَلَى ٱلۡمُوسِعِ قَدَرُهُۥ وَعَلَى ٱلۡمُقۡتِرِ قَدَرُهُۥ مَتَٰعَۢا بِٱلۡمَعۡرُوفِۖ حَقًّا عَلَى ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Nta caha kuri mwebwe abagabo mu gihe mwokwahukana n’abakenyezi inyuma yo gushingirwa, imbere yuko murangurana amabanga y’abubatse canke mubagenera inkwano. Muraheza rero muri ico gihe mugire ico mubatekereye: uworohewe aramutekerera yisunze ubushobozi bwiwe, umukene na we aramutekerera yisunze ubushobozi bwiwe, kugira ngo amushumbushe ku neza. Iryo ni itegeko ryubahirizwa n’abagwaneza.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِن طَلَّقۡتُمُوهُنَّ مِن قَبۡلِ أَن تَمَسُّوهُنَّ وَقَدۡ فَرَضۡتُمۡ لَهُنَّ فَرِيضَةٗ فَنِصۡفُ مَا فَرَضۡتُمۡ إِلَّآ أَن يَعۡفُونَ أَوۡ يَعۡفُوَاْ ٱلَّذِي بِيَدِهِۦ عُقۡدَةُ ٱلنِّكَاحِۚ وَأَن تَعۡفُوٓاْ أَقۡرَبُ لِلتَّقۡوَىٰۚ وَلَا تَنسَوُاْ ٱلۡفَضۡلَ بَيۡنَكُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٌ
Nimwahukana n’abakenyezi rero inyuma yo gushingirwa, imbere yuko murangurana amabanga y’abubatse, mwaramaze kubagenera inkwano, ico gihe mutegerezwa kubahereza igice c’inkwano zumvikanweko, kiretse mu gihe abo bakenyezi bemeye kugiheba, canke abagabo bakemera kubahebera ikindi gice. Nimwaheberanira rero, ni vyo bizobegereza kurusha ku gutinya no kwumvira Imana Allah, kandi ntimuzokwibagire ineza n’ubugwaneza buri hagati yanyu. Mu vy’ukuri, Imana Allah ivyo mukora vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
حَٰفِظُواْ عَلَى ٱلصَّلَوَٰتِ وَٱلصَّلَوٰةِ ٱلۡوُسۡطَىٰ وَقُومُواْ لِلَّهِ قَٰنِتِينَ
Bislamu! Nimutsimbatare mu kwamizako amasengesho-bwirizwa atanu akwije ibisabwa ku mwanya wayo, na canecane isengesho ryo hagati na hagati ryo ku muhingamo, muraheza kandi muhagarare mu masengesho mwicishije bugufi ku Mana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِنۡ خِفۡتُمۡ فَرِجَالًا أَوۡ رُكۡبَانٗاۖ فَإِذَآ أَمِنتُمۡ فَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ كَمَا عَلَّمَكُم مَّا لَمۡ تَكُونُواْ تَعۡلَمُونَ
Nimwatinya ko umwansi yobubira muri mw’isengesho akabatera, murasenga muriko muragenda canke muri ku bitwazi uko bibashobokeye kwose; nko gukoresha ibimenyetso canke kudatumbera ubutumbero bwo gusenga[46]. Nimwatekana, muraheza rero musenge isengesho ry’uwutekanye rikwije ibisabwa, maze muninahaze Imana Allah muyishimira ku ngingo n’amabwirizwa Yabigishije vyerekeye ukuyiyegereza, mutari gupfa mubimenye.
[46] Iri sengesho ryitwa “swalaatu l-Khawf” isengesho ry’uwutekewe n’ubwoba.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱلَّذِينَ يُتَوَفَّوۡنَ مِنكُمۡ وَيَذَرُونَ أَزۡوَٰجٗا وَصِيَّةٗ لِّأَزۡوَٰجِهِم مَّتَٰعًا إِلَى ٱلۡحَوۡلِ غَيۡرَ إِخۡرَاجٖۚ فَإِنۡ خَرَجۡنَ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ فِي مَا فَعَلۡنَ فِيٓ أَنفُسِهِنَّ مِن مَّعۡرُوفٖۗ وَٱللَّهُ عَزِيزٌ حَكِيمٞ
Abazoba bari ku mpfiro muri mwebwe abagabo, bagapfa basize abakenyezi, barasiga baraze ko abakenyezi babo boguma baba mu nzu zabo umwaka wose atawubakomakoma, kuva umusi bapfiriyeko, mu ntumbero yo kubashumbusha. Nibazivamwo ku bushake bwabo imbere yuko uwo mwaka urangira, nta caha kuri mwebwe abasigwa mu vyo nya bapfakazi bakoze birekuwe. Burya Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora[47].
[47] Ingingo ziri muri iyi Aayah zasubiriwe n’iziri muri Aayah ya 234 muri iki gisomwa c’Inka.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلِلۡمُطَلَّقَٰتِ مَتَٰعُۢ بِٱلۡمَعۡرُوفِۖ حَقًّا عَلَى ٱلۡمُتَّقِينَ
Abakenyezi bahukanye, baratekererwa ku neza icobabeshaho n’impuzu, hisunzwe ubushobozi bw’umuhisi. Iryo ni itegeko ryubahirizwa n’abagamburukiramana.
Arabic explanations of the Qur’an:
كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمۡ ءَايَٰتِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ
Ni nk’uko nyene rero - izo ngingo zitomoye mu vyerekeye agateka k’abakenyezi n’abana - Imana Allah Itomora Aayah n’amabwirizwa yayo ku vyo mukeneye, kugira ngo muyategere muheze muyagendere.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ خَرَجُواْ مِن دِيَٰرِهِمۡ وَهُمۡ أُلُوفٌ حَذَرَ ٱلۡمَوۡتِ فَقَالَ لَهُمُ ٱللَّهُ مُوتُواْ ثُمَّ أَحۡيَٰهُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَذُو فَضۡلٍ عَلَى ٱلنَّاسِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَشۡكُرُونَ
Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’abataye izabo, bagahunga ari ibihumbi n’ibihumbagiza batinya kwicwa n’indwara y’akaranda canke indwano y’akaranda, hanyuma Imana Allah Ikababwira Iti: “Nimupfe”, bagaca bapfira rimwe bose, hanyuma Ibasubiza ubuzima kugira ngo bakwize imyaka Yabageneye kubaho, kugira bikebuke, bigaye! Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeningabirano nyinshi ku bantu, ariko rero abenshi mu bantu ntibashima.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَٰتِلُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ سَمِيعٌ عَلِيمٞ
Bislamu! Nimurwanire idini ry’Imana Allah, muheze mumenye kandi ko Imana Allah ari Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo mukora n’ivyo muzirikana.
Arabic explanations of the Qur’an:
مَّن ذَا ٱلَّذِي يُقۡرِضُ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنٗا فَيُضَٰعِفَهُۥ لَهُۥٓ أَضۡعَافٗا كَثِيرَةٗۚ وَٱللَّهُ يَقۡبِضُ وَيَبۡصُۜطُ وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Ni nde yogurana Imana Allah ingurane nziza agatanga mu nzira yayo, maze Ikamugwiriza indishi yayo incuro nyinshi nta ngere! Burya Imana Allah Iragumya ingabirano zayo Ikagerera umukene, Ikanazirekura Igaha umutunzi umusesekara. Nimutange rero mu vyo Ibaha mutitangiriye itama, ni no kuri Yo muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلۡمَلَإِ مِنۢ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ مِنۢ بَعۡدِ مُوسَىٰٓ إِذۡ قَالُواْ لِنَبِيّٖ لَّهُمُ ٱبۡعَثۡ لَنَا مَلِكٗا نُّقَٰتِلۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِۖ قَالَ هَلۡ عَسَيۡتُمۡ إِن كُتِبَ عَلَيۡكُمُ ٱلۡقِتَالُ أَلَّا تُقَٰتِلُواْۖ قَالُواْ وَمَا لَنَآ أَلَّا نُقَٰتِلَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَقَدۡ أُخۡرِجۡنَا مِن دِيَٰرِنَا وَأَبۡنَآئِنَاۖ فَلَمَّا كُتِبَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡقِتَالُ تَوَلَّوۡاْ إِلَّا قَلِيلٗا مِّنۡهُمۡۚ وَٱللَّهُ عَلِيمُۢ بِٱلظَّٰلِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’abatewe iteka muri Bene Israyeli, inyuma yuko Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) itari ikiriho! Igihe basaba Umuvugishwamana wabo bati: “Twimikire umwami aturongore mu guharanira idini ry’Imana Allah, maze turwanye abansi bacu!” Na we abishura ati: “Ubwo ntivyoshika, mu gihe mwotegekwa kurwana ko mutorwana?”. Na bo barishura bati: “Ni igiki cotubuza kurwanira idini ry’Imana Allah, mu gihe twamaze kwomorwa mu zacu hamwe n’abana bacu?”. Kukaba nkako, Imana Allah Imaze kubategeka kurwana barongowe n’uyo mwami, bagenjeje umugongo barisubirako kiretse bake muri bo. Burya Imana Allah ni Yo Izi neza abirenganya mu kutubahiriza isezerano.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ لَهُمۡ نَبِيُّهُمۡ إِنَّ ٱللَّهَ قَدۡ بَعَثَ لَكُمۡ طَالُوتَ مَلِكٗاۚ قَالُوٓاْ أَنَّىٰ يَكُونُ لَهُ ٱلۡمُلۡكُ عَلَيۡنَا وَنَحۡنُ أَحَقُّ بِٱلۡمُلۡكِ مِنۡهُ وَلَمۡ يُؤۡتَ سَعَةٗ مِّنَ ٱلۡمَالِۚ قَالَ إِنَّ ٱللَّهَ ٱصۡطَفَىٰهُ عَلَيۡكُمۡ وَزَادَهُۥ بَسۡطَةٗ فِي ٱلۡعِلۡمِ وَٱلۡجِسۡمِۖ وَٱللَّهُ يُؤۡتِي مُلۡكَهُۥ مَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ وَٰسِعٌ عَلِيمٞ
Umuvugishwamana wabo yababwiye ati: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamaze kubarungikira Twaluti ngo ababere Umwami, yongere abarongore mu kurwanya umwansi nk’uko mwabisavye”. Abatewe iteka muri bo barishura n’ubwishime n’akantu bati: “Vyoshoboka gute ko Twaluti aba umwami wacu, kandi umwami akwiye gutorwa muri twebwe, akaba ata n’ubutunzi yahawe!”. Umuvugishwamana araheza ababwira ati: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaramubahitiyemwo, Imwongerereza ubumenyi n’inguvu bimushoboza kurwanya umwansi, kandi rero Imana Allah Iha ubwami bwayo uwo Ishatse mu baja bayo. Burya Imana Allah ni Nyeningabirano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَ لَهُمۡ نَبِيُّهُمۡ إِنَّ ءَايَةَ مُلۡكِهِۦٓ أَن يَأۡتِيَكُمُ ٱلتَّابُوتُ فِيهِ سَكِينَةٞ مِّن رَّبِّكُمۡ وَبَقِيَّةٞ مِّمَّا تَرَكَ ءَالُ مُوسَىٰ وَءَالُ هَٰرُونَ تَحۡمِلُهُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لَّكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Umuvugishwamana wabo abandanya ababwira ati: “Ikimenyetso c’ubwami bwiwe, ni uko azoza afise isandugu ririmwo Tawurati mwanyazwe n’abansi banyu, harimwo n’ituze rivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, hamwe rero na bimwe mu bisigi[48] vyasizwe n’umuryango w’Intumwa y’Imana Musa n’uw’Intumwa y’Imana Haruna (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), bikaza bireruwe n’abamalayika”. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ikimenyetso gihambaye kuri mwebwe ko Twaluti yarungitswe koko kw’itegeko ry’Imana Allah nimwaba mwemera Imana Allah n’Intumwa zayo.
[48] Nk’inkoni n’ibisigarira vy’Imizingo yanditseko amabwirizwa Imana Allah Yahaye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّا فَصَلَ طَالُوتُ بِٱلۡجُنُودِ قَالَ إِنَّ ٱللَّهَ مُبۡتَلِيكُم بِنَهَرٖ فَمَن شَرِبَ مِنۡهُ فَلَيۡسَ مِنِّي وَمَن لَّمۡ يَطۡعَمۡهُ فَإِنَّهُۥ مِنِّيٓ إِلَّا مَنِ ٱغۡتَرَفَ غُرۡفَةَۢ بِيَدِهِۦۚ فَشَرِبُواْ مِنۡهُ إِلَّا قَلِيلٗا مِّنۡهُمۡۚ فَلَمَّا جَاوَزَهُۥ هُوَ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَعَهُۥ قَالُواْ لَا طَاقَةَ لَنَا ٱلۡيَوۡمَ بِجَالُوتَ وَجُنُودِهِۦۚ قَالَ ٱلَّذِينَ يَظُنُّونَ أَنَّهُم مُّلَٰقُواْ ٱللَّهِ كَم مِّن فِئَةٖ قَلِيلَةٍ غَلَبَتۡ فِئَةٗ كَثِيرَةَۢ بِإِذۡنِ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ مَعَ ٱلصَّٰبِرِينَ
Umwami Twaluti rero amaze gusohoka n’ingabo ziwe agiye kurwana n’umwansi, yabwiye ingabo ziwe ati: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Ihava Ibagerageza ko mwihangana nimwagera ku ruzi muhava mujabuka, uwuza kunywa muri rwo ntituzoba turi kumwe ku rugamba; uwutaza kunywa muri rwo, uyo tuzoba turi kumwe kiretse gusa uwonywa urushi rumwe. Bamaze rero gushika kuri rwa ruzi baranyoye amazi bararenza, kiretse bake muri bo banyoye urushi rumwerumwe gusa. Twaluti amaze kujabuka rwa ruzi ari kumwe n’abemeramana bake basigaye[49], bamaze kubona ubwinshi mu gitigiri n’ibirwanisho vy’abansi, bavuze bati: “Nta nguvu dufise kuri uyu musi zo kurwanya Jaluti n’ingabo ziwe”. Abizeye ko bazohura n’Imana Allah barishuye bibutsa bagenzi babo ubushobozi bw’Imana Allah, bati: “Ni kangahe umugwi w’abantu bake bemera, batsinze umugwi w’abantu benshi b’abagarariji ku bushobozi bw’Imana Allah! Burya Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku ntsinzi”.
[49] Barenga gato abantu amajana atatu na cumi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَمَّا بَرَزُواْ لِجَالُوتَ وَجُنُودِهِۦ قَالُواْ رَبَّنَآ أَفۡرِغۡ عَلَيۡنَا صَبۡرٗا وَثَبِّتۡ أَقۡدَامَنَا وَٱنصُرۡنَا عَلَى ٱلۡقَوۡمِ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Bamaze kubonana imbonankubone na Jaluti ari kumwe n’ingabo ziwe, baratumbereye Imana Allah batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ducucagire ukwihangana, Wongere Utsimbataze amaguru yacu ntiduhunge urugamba, Uduhe no gutsinda abagarariji”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَهَزَمُوهُم بِإِذۡنِ ٱللَّهِ وَقَتَلَ دَاوُۥدُ جَالُوتَ وَءَاتَىٰهُ ٱللَّهُ ٱلۡمُلۡكَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَعَلَّمَهُۥ مِمَّا يَشَآءُۗ وَلَوۡلَا دَفۡعُ ٱللَّهِ ٱلنَّاسَ بَعۡضَهُم بِبَعۡضٖ لَّفَسَدَتِ ٱلۡأَرۡضُ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ ذُو فَضۡلٍ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ni ho rero bahavuye babatsinda ku bushobozi bw’Imana Allah, Dawudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) araheza arica Jaluti umukuru w’izo ngabo, maze Imana Allah Ica Imuha ubwami n’ubutumwa kuri Bene Israyeli, Imwigisha n’ivyo Ishaka mu bumenyi. Iyo rero Imana Allah Itaja Iraha inkomezi abemeramana ngo batsinde abagarariji, isi yari kwuzura ubwononyi bitewe n’ukuganza kw’abagarariji, ariko rero Imana Allah ni Nyeningabirano ku biremwa vyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱللَّهِ نَتۡلُوهَا عَلَيۡكَ بِٱلۡحَقِّۚ وَإِنَّكَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Muvugishwamana! Ivyo ni ibimenyetso n’ivyemezo vy’Imana Allah, Tukwiganira vy’ukuri. Kandi mu vy’ukuri wewe, ni ukuri uri imwe mu Ntumwa zacu.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ تِلۡكَ ٱلرُّسُلُ فَضَّلۡنَا بَعۡضَهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖۘ مِّنۡهُم مَّن كَلَّمَ ٱللَّهُۖ وَرَفَعَ بَعۡضَهُمۡ دَرَجَٰتٖۚ وَءَاتَيۡنَا عِيسَى ٱبۡنَ مَرۡيَمَ ٱلۡبَيِّنَٰتِ وَأَيَّدۡنَٰهُ بِرُوحِ ٱلۡقُدُسِۗ وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَا ٱقۡتَتَلَ ٱلَّذِينَ مِنۢ بَعۡدِهِم مِّنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَتۡهُمُ ٱلۡبَيِّنَٰتُ وَلَٰكِنِ ٱخۡتَلَفُواْ فَمِنۡهُم مَّنۡ ءَامَنَ وَمِنۡهُم مَّن كَفَرَۚ وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَا ٱقۡتَتَلُواْ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ يَفۡعَلُ مَا يُرِيدُ
Izo Ntumwa rero, muri zo hari izo Twebwe Allah Twahaye icubahiro kuruta izindi mu nema; muri zo, harimwo izo Imana Allah Yavugishije (nk’Intumwa Musa na Muhamadi, za nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)[50], hakaba n’izo Yahaye icubahiro co hejuru (nk’Intumwa Muhamadi nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)[51]. Twaranahaye Intumwa Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibitangaro bigaragara vyemeza ko ari Intumwa y’Imana[52], Twongera Tumuteza intege Mutimamweranda Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Iyo rero Imana Allah Ishaka ko abaje mu nyuma y’izo Ntumwa batarwana mu nyuma y’aho bashikiriwe n’ivyemezo bigaragaza ukuri, ntibari kurwana, ariko rero baracanyemwo mu guhazana, muri bo hari abatsimbataye ku kwemera, hari n’abagararije. Iyo Imana Allah Ishaka inyuma y’ukwo gucanamwo mu guhazana kwatumye barwana, ntibari kurwana, ariko Imana Allah Ishoboza kuyumvira no kuyemera uwo Ishatse, Igatetereza mu bagarariji uwo Ishatse, kuko Ikora ivyo Ishatse.
[50] Muri iyi Aayah harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ivuga mu buryo buberanye n’icubahiro cayo.
[51] Kuko yarungitswe ku bantu bose hamwe n’amajini, yasozereye Intumwa hamwe n’Abavugishwamana bose, hamwe rero no guha abantu yarungitsweko bakayemera, icubahiro gisumba iyindi migwi yarungikiwe izindi Ntumwa, n’ibindi.
[52] Nk’ukuvura uwavutse ari impumyi ku bushobozi bw’Imana Allah, uwavukanye indwara zo ku ruhu ku bushobozi bw’Imana Allah, gusubiza ubuzima abapfuye ku bushobozi bw’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَنفِقُواْ مِمَّا رَزَقۡنَٰكُم مِّن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَ يَوۡمٞ لَّا بَيۡعٞ فِيهِ وَلَا خُلَّةٞ وَلَا شَفَٰعَةٞۗ وَٱلۡكَٰفِرُونَ هُمُ ٱلظَّٰلِمُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza amabwirizwa yayo! Nimutange ishikanwa-bwirizwa n’imperezwa mu vyo Imana Allah Yabaronkeje, imbere yuko mushikirwa n’umusi w’izuka ry’ibiremwa, aho ata rudandazwa ruzokorwa ngo rwunguke ruheze rubagombore mu bihano vy’Imana Allah, nta n’ubugenzi eka nta n’ivugira bizogira ico bibamariye. Burya abagarariji ni bo birenganya mu kurenga imbibe z’ivyaziririjwe n’Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ ٱلۡحَيُّ ٱلۡقَيُّومُۚ لَا تَأۡخُذُهُۥ سِنَةٞ وَلَا نَوۡمٞۚ لَّهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۗ مَن ذَا ٱلَّذِي يَشۡفَعُ عِندَهُۥٓ إِلَّا بِإِذۡنِهِۦۚ يَعۡلَمُ مَا بَيۡنَ أَيۡدِيهِمۡ وَمَا خَلۡفَهُمۡۖ وَلَا يُحِيطُونَ بِشَيۡءٖ مِّنۡ عِلۡمِهِۦٓ إِلَّا بِمَا شَآءَۚ وَسِعَ كُرۡسِيُّهُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَۖ وَلَا يَـُٔودُهُۥ حِفۡظُهُمَاۚ وَهُوَ ٱلۡعَلِيُّ ٱلۡعَظِيمُ
Allah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, Umuhagarikizi w’ibiremwa Yikwije muri vyose. Ntihunikira (Ntihunyiza) eka Ntinasinzira. Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Nta n’umwe yokwubahuka kuvugira uwundi imbere yayo, kiretse ku burenganzira buvuye kuri Yo. Ni Yo Izi bikwiye inkuru z’ibiremwa vyose, kahise, kubu na kazoza kavyo. Nta n’umwe ashoboye kumenya na kimwe mu bumenyi bwayo kiretse ivyo Yo Yonyene Ishatse ko amenya. Ubuvyagiro bw’Ibirenge vyayo bukwiriye amajuru n’isi, kandi ntibiyiruhije kubungabunga amajuru n’isi. Ni na Yo rero Nyenicubahirogisumbavyose, Nyenicubahiro-ntangere[53].
[53] Iyi ni yo Aayah ihambaye gusumba izindi muri Qor’ani. Yitwa Aayatu l-Kursiy.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَآ إِكۡرَاهَ فِي ٱلدِّينِۖ قَد تَّبَيَّنَ ٱلرُّشۡدُ مِنَ ٱلۡغَيِّۚ فَمَن يَكۡفُرۡ بِٱلطَّٰغُوتِ وَيُؤۡمِنۢ بِٱللَّهِ فَقَدِ ٱسۡتَمۡسَكَ بِٱلۡعُرۡوَةِ ٱلۡوُثۡقَىٰ لَا ٱنفِصَامَ لَهَاۗ وَٱللَّهُ سَمِيعٌ عَلِيمٌ
Nta winjira mw’idini ry’ubwislamu ku gahato, kuko ryikwije kandi ritomoye, ukuri n’uburongozi biratomoye kuruta ikinyoma n’uguhuba. Uwugararije ibigirwamana vyo mu bwoko bwose[52] agaheza akemera Imana Allah, ni ukuri nta nkeka ko aba afashe ipfundo ry’idini ritigera ripfunduruka. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’abaja bayo; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana, kandi Izobibahembera.
[52] Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱللَّهُ وَلِيُّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ يُخۡرِجُهُم مِّنَ ٱلظُّلُمَٰتِ إِلَى ٱلنُّورِۖ وَٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَوۡلِيَآؤُهُمُ ٱلطَّٰغُوتُ يُخۡرِجُونَهُم مِّنَ ٱلنُّورِ إِلَى ٱلظُّلُمَٰتِۗ أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Imana Allah ni Yo Muhagarikizi w’abemeramana mu kubatabara no mu kubabungabunga, Ibakura mu muzimagiza w’ubugarariji Ikabaganisha mu muco w’ukwemera. Nayo abagararije, abahagarikizi babo n’ibigirwamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, bibakura mu muco w’ukwemera bikabaganisha mu muzimagiza w’ubugarariji, abo rero ni bo bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِي حَآجَّ إِبۡرَٰهِـۧمَ فِي رَبِّهِۦٓ أَنۡ ءَاتَىٰهُ ٱللَّهُ ٱلۡمُلۡكَ إِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِـۧمُ رَبِّيَ ٱلَّذِي يُحۡيِۦ وَيُمِيتُ قَالَ أَنَا۠ أُحۡيِۦ وَأُمِيتُۖ قَالَ إِبۡرَٰهِـۧمُ فَإِنَّ ٱللَّهَ يَأۡتِي بِٱلشَّمۡسِ مِنَ ٱلۡمَشۡرِقِ فَأۡتِ بِهَا مِنَ ٱلۡمَغۡرِبِ فَبُهِتَ ٱلَّذِي كَفَرَۗ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Mbega urabona igitangaje kiruta ukuntu uwuraho yahaririye n’Intumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), ku bijanye n’ukwemera Imana yiwe Rurema Allah, ku kubera ko Imana Allah Yamuhaye ubwami maze akihambaza! Igihe yabaza Intumwa Ibrahimu ati: “Imana yawe Rurema ni nde?”. Intumwa Ibrahimu iraheza iramwishura iti: “Imana yanje Rurema, ni Irya Iha ibiremwa ubuzima bikabaho, Ikongera Ikavyaka ubuzima bigapfa”. Na we ati: “Jewe ndatanga ubuzima nkongera nkica uwo nshatse”. Intumwa Ibrahimu ivuga iti: “Mu vy’ukuri Imana nsenga, Iserura izuba mu buseruko, enda rero na we riserure mu burengero!”. Ni ho wa mugarariji yajumararirwa ubwanwa bupfuka umunwa. Burya Imana Allah ntirongora mu nzira y’ukuri abirenganya ku bugaba bwabo.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَوۡ كَٱلَّذِي مَرَّ عَلَىٰ قَرۡيَةٖ وَهِيَ خَاوِيَةٌ عَلَىٰ عُرُوشِهَا قَالَ أَنَّىٰ يُحۡيِۦ هَٰذِهِ ٱللَّهُ بَعۡدَ مَوۡتِهَاۖ فَأَمَاتَهُ ٱللَّهُ مِاْئَةَ عَامٖ ثُمَّ بَعَثَهُۥۖ قَالَ كَمۡ لَبِثۡتَۖ قَالَ لَبِثۡتُ يَوۡمًا أَوۡ بَعۡضَ يَوۡمٖۖ قَالَ بَل لَّبِثۡتَ مِاْئَةَ عَامٖ فَٱنظُرۡ إِلَىٰ طَعَامِكَ وَشَرَابِكَ لَمۡ يَتَسَنَّهۡۖ وَٱنظُرۡ إِلَىٰ حِمَارِكَ وَلِنَجۡعَلَكَ ءَايَةٗ لِّلنَّاسِۖ وَٱنظُرۡ إِلَى ٱلۡعِظَامِ كَيۡفَ نُنشِزُهَا ثُمَّ نَكۡسُوهَا لَحۡمٗاۚ فَلَمَّا تَبَيَّنَ لَهُۥ قَالَ أَعۡلَمُ أَنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Canke ga Ntumwa y’Imana! Urabona nka wa muntu yaca mu gacimbiri imihana yako yasenyaguwe hagahona n’abakabamwo, araheza avuga yitangaza ati: “Ni gute Imana Allah Yosubiza ubuzima aka gacimbiri mu nyuma y’ihonywa ryako!”. Imana Allah Iraheza Imwaka ubuzima arapfa araheza amara imyaka ijana, hanyuma Iramuzura Imusubiza ubuzima, maze Iramubaza Iti: “Mbega wari umaze imyaka ingahe warapfuye!”. Arishura ati: “Nari maze umusi umwe canke igice c’umusi”. Imana Imubwira Iti: “Ahubwo wari umaze imyaka ijana warapfuye! Ehe mbere raba imfungurwa n’ibinyobwa vyawe Twarabibungabunze ntivyabora, raba n’indogobwe yawe rero ukuntu Tuyisubiza ubuzima kugira ngo Tukugire ku bantu ikimenyetso c’ubushobozi bw’Imana Allah bwo kuzura ibiremwa; ehe raba amagufa ukuntu Tuyasubiranya hanyuma Tukayambika inyama Tugasubiza nya ndogobwe ubuzima! Wa muntu, amaze kwibonera n’amaso yiwe iryo zuka, yashotse yemanga ko Imana Allah ari Mushoboravyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِـۧمُ رَبِّ أَرِنِي كَيۡفَ تُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰۖ قَالَ أَوَلَمۡ تُؤۡمِنۖ قَالَ بَلَىٰ وَلَٰكِن لِّيَطۡمَئِنَّ قَلۡبِيۖ قَالَ فَخُذۡ أَرۡبَعَةٗ مِّنَ ٱلطَّيۡرِ فَصُرۡهُنَّ إِلَيۡكَ ثُمَّ ٱجۡعَلۡ عَلَىٰ كُلِّ جَبَلٖ مِّنۡهُنَّ جُزۡءٗا ثُمَّ ٱدۡعُهُنَّ يَأۡتِينَكَ سَعۡيٗاۚ وَٱعۡلَمۡ أَنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٞ
Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Intumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yasaba kwibonera ukuntu izurwa ry’ibiremwa riba, ikavuga iti: “Mana yanje Rurema Allah! Nyereka ukuntu Uzura abapfuye!”, Imana Allah Ikamubaza Iti: “Mbega none nturemera!”, na yo isubizayo iti: “Nobuzwa n’iki kwemera! Ahubwo nshaka gusa kwongerereza ukwemera ku kwemera kwanje, maze umutima wanje uturure kurusha”. Imana Allah ni ho Yamubwira Iti: “Fata rero inyoni zine uzibage, maze uzikebagure uduceduce, hanyuma uheze unyanyagize nya duce ku musozi umwumwe, uhejeje uhamagare nya nyoni, ziraheza zikwitabe vuba bwango ari nzima. Uraheza rero umenye kandi ko Imana Allah ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora”. Kukaba nkako Ibrahimu yabigenjeje nk’uko yabwiwe n’Imana Allah, agize ngo arahamagara nya nyoni, zaciye zimwitaba zinyaragasa.
Arabic explanations of the Qur’an:
مَّثَلُ ٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ كَمَثَلِ حَبَّةٍ أَنۢبَتَتۡ سَبۡعَ سَنَابِلَ فِي كُلِّ سُنۢبُلَةٖ مِّاْئَةُ حَبَّةٖۗ وَٱللَّهُ يُضَٰعِفُ لِمَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ وَٰسِعٌ عَلِيمٌ
Akarorero k’abemeramana batanga amatungo yabo mu guharanira idini ry’Imana Allah, ni nka kurya kw’urutete rwateragiwe mw’isi y’akanovera, ruraheza ruranaga igiti gifise amashami indwi; maze kuri buri shami hakabako intete ijana, kanatsinda Imana Allah Igwiriza indishi uwo Ishatse Ikurikije umuzirikanyi wiwe. Burya rero Imana Allah ni Nyenimpano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana, kandi Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ ثُمَّ لَا يُتۡبِعُونَ مَآ أَنفَقُواْ مَنّٗا وَلَآ أَذٗى لَّهُمۡ أَجۡرُهُمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ وَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Abatanga amatungo yabo mu guharanira idini ry’Imana Allah, hanyuma ntibakurikize ivyo batanze agashinyaguro canke agasuzuguro mu mvugo n’ingiro, bazosanga indishi yabo y’ivyo bakoze ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ قَوۡلٞ مَّعۡرُوفٞ وَمَغۡفِرَةٌ خَيۡرٞ مِّن صَدَقَةٖ يَتۡبَعُهَآ أَذٗىۗ وَٱللَّهُ غَنِيٌّ حَلِيمٞ
Burya akajambo keza wishura uwusaba, no kumubabarira ku kwama ariko arasega, ni vyiza kuruta imperezwa ikurikijwe agashinyaguro n’agasuzuguro mu mvugo n’ingiro. Burya Imana Allah Irikenuye nta co Ikeneye ku mperezwa y’ibiremwa, ni Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تُبۡطِلُواْ صَدَقَٰتِكُم بِٱلۡمَنِّ وَٱلۡأَذَىٰ كَٱلَّذِي يُنفِقُ مَالَهُۥ رِئَآءَ ٱلنَّاسِ وَلَا يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۖ فَمَثَلُهُۥ كَمَثَلِ صَفۡوَانٍ عَلَيۡهِ تُرَابٞ فَأَصَابَهُۥ وَابِلٞ فَتَرَكَهُۥ صَلۡدٗاۖ لَّا يَقۡدِرُونَ عَلَىٰ شَيۡءٖ مِّمَّا كَسَبُواْۗ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Emwe bemeye Imana Allah n’umusi w’imperuka! Ntimukonone indishi y’imperezwa zanyu ku kuzikurikiza agashinyaguro n’agasuzuguro mu mvugo n’ingiro, nka wa wundi atanga amatungo yiwe ku kwiyerekana ku bantu, atanemera Imana Allah n’umusi w’imperuka; uyo rero akarorero kiwe, ni nk’ak’ibuye ry’isare ririko ivu, hanyuma hakagwa imvura nyinshi igahungurura nya vu, igasiga rya buye ryererana ritagirako intumo; ni nk’uko rero, abatanga ku kwiyerekana, indishi y’ibikorwa vyabo iyonga, nta na kimwe baronka mu ndishi y’ivyo barondeye, burya Imana Allah ntishoboza abagarariji gutumbera ukuri mu gutanga ku bwayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَثَلُ ٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمُ ٱبۡتِغَآءَ مَرۡضَاتِ ٱللَّهِ وَتَثۡبِيتٗا مِّنۡ أَنفُسِهِمۡ كَمَثَلِ جَنَّةِۭ بِرَبۡوَةٍ أَصَابَهَا وَابِلٞ فَـَٔاتَتۡ أُكُلَهَا ضِعۡفَيۡنِ فَإِن لَّمۡ يُصِبۡهَا وَابِلٞ فَطَلّٞۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٌ
Nayo akarorero ka barya batanga amatungo yabo barondera gushimwa n’Imana Allah, no gutsimbataza ukwemera mu mitima yabo, ni nk’ak’umurima utotahaye uri ahantu hataramutse himbuka, haguye imvura nyinshi, gutyo umwimbu uva muri nya murima ukiyongera incuro zine; iyo muri nya murima hataguye imvura nyinshi iranyanyagira, amama yayo akaba akwiye kugira ngo umwimbu wiyongere[55]. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona.
[55] Ni na ko abatanga ku bw’Imana Allah imperezwa zabo zaba nke canke nyinshi zakirwa zikagwizwa n’Imana Allah incuro nyinshi mu ndishi.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَيَوَدُّ أَحَدُكُمۡ أَن تَكُونَ لَهُۥ جَنَّةٞ مِّن نَّخِيلٖ وَأَعۡنَابٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ لَهُۥ فِيهَا مِن كُلِّ ٱلثَّمَرَٰتِ وَأَصَابَهُ ٱلۡكِبَرُ وَلَهُۥ ذُرِّيَّةٞ ضُعَفَآءُ فَأَصَابَهَآ إِعۡصَارٞ فِيهِ نَارٞ فَٱحۡتَرَقَتۡۗ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمُ ٱلۡأٓيَٰتِ لَعَلَّكُمۡ تَتَفَكَّرُونَ
Mbega muri mwebwe, hari uwipfuza ko yoba afise umurima ugizwe n’ibiti vy’itende n’imizabibu, musi yavyo hatemba inzuzi z’amazi meza y’akanovera, muri nya murima akaba afisemwo amoko yose y’ivyamwa, na we akaba ageze mu za bukuru atagishoboye guteragira, akaba afise rero n’abana bakiri bato bakeneye kwikora kuri nya murima, hanyuma hakaza umuyaga w’igihuhusi uvanze n’umuriro ukawuturira[56]! Ni nk’ukwo nyene rero, Imana Allah Ibatomorera Aayah n’ingingo zayo kugira ngo mwiyumvire muheze mutahure icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, maze rero mutange imperezwa zanyu ku bwayo.
[56] Ukwo ni ko bizogendera abatanga ku kwiyerekana ku musi w’izuka ry’ibiremwa, nta ndishi bazoronka.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَنفِقُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا كَسَبۡتُمۡ وَمِمَّآ أَخۡرَجۡنَا لَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِۖ وَلَا تَيَمَّمُواْ ٱلۡخَبِيثَ مِنۡهُ تُنفِقُونَ وَلَسۡتُم بِـَٔاخِذِيهِ إِلَّآ أَن تُغۡمِضُواْ فِيهِۚ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ غَنِيٌّ حَمِيدٌ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa zayo! Nimutange mu vyiza birekuwe mwarondeye, no mu vyo Twabahaye kwikorako mu biri mu kuzimu. Ntimugatumbere ibidashemeye ngo mubitangeko imperezwa ku bw’Imana Allah, kandi na mwe nyene mu gihe mwobihabwako mutovyakira kiretse mu gihe mwokwirengagiza ukuntu bidashemeye. Muraheza rero mumenye kandi ko Imana Allah Yikenuye, ata co Ikeneye ku mperezwa zanyu, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلشَّيۡطَٰنُ يَعِدُكُمُ ٱلۡفَقۡرَ وَيَأۡمُرُكُم بِٱلۡفَحۡشَآءِۖ وَٱللَّهُ يَعِدُكُم مَّغۡفِرَةٗ مِّنۡهُ وَفَضۡلٗاۗ وَٱللَّهُ وَٰسِعٌ عَلِيمٞ
Kuba ingumyi no gutanga ibidashemeye biterwa n’inyoshambi za shetani, ibizeza ubukene mu gihe mwotanga ibishemeye, gutyo ikabosha kuba ingumyi, ikanabategeka gukora ibibi, kandi Imana Allah na Yo Ibasezeranira ko mu gihe mwotanga imperezwa muzogumirizwa akabanga ku vyaha vyanyu, vyirengagizwe ntimubihanirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, mukongererezwa no mu ngabirano zayo ibibabeshaho. Burya rero Imana Allah ni Nyenimpano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana, kandi Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
يُؤۡتِي ٱلۡحِكۡمَةَ مَن يَشَآءُۚ وَمَن يُؤۡتَ ٱلۡحِكۡمَةَ فَقَدۡ أُوتِيَ خَيۡرٗا كَثِيرٗاۗ وَمَا يَذَّكَّرُ إِلَّآ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Imana Allah Iha ugutumbera ukuri mu mvugo n’ingiro uwo Ishatse. Uwo Imana Allah Ihaye ugutumbera ukuri mu mvugo n’ingiro, uwo ni ukuri aba ahawe ivyiza vyinshi. Ivyo nta n’uwuvyibuka kiretse abanyabwenge.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَآ أَنفَقۡتُم مِّن نَّفَقَةٍ أَوۡ نَذَرۡتُم مِّن نَّذۡرٖ فَإِنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُهُۥۗ وَمَا لِلظَّٰلِمِينَ مِنۡ أَنصَارٍ
Ico ari co cose mwatanze mu matungo, canke mwiyemeje gukora ku bw’Imana Allah, caba gito canke kinini, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi Izokibahembera. Uwuzoreka rero gutanga azoba yirenganije, kandi rero abirenganya mu kudatanga mu nzira y’Imana Allah nta babatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah bazoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِن تُبۡدُواْ ٱلصَّدَقَٰتِ فَنِعِمَّا هِيَۖ وَإِن تُخۡفُوهَا وَتُؤۡتُوهَا ٱلۡفُقَرَآءَ فَهُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡۚ وَيُكَفِّرُ عَنكُم مِّن سَيِّـَٔاتِكُمۡۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ
Nimwatanga imperezwa ku mugaragaro ku bw’Imana Allah, ni vyiza; nimwayitanga naho mu mpisho mukayihereza abakene, bizoba ari vyiza kuri mwebwe gusumba kuko ata kwiyerekana kuba kurimwo. Gutyo rero Imana Allah Izonabababarira ivyaha vyanyu. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Muhetuziwavyose, kandi Izobibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ لَّيۡسَ عَلَيۡكَ هُدَىٰهُمۡ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ يَهۡدِي مَن يَشَآءُۗ وَمَا تُنفِقُواْ مِنۡ خَيۡرٖ فَلِأَنفُسِكُمۡۚ وَمَا تُنفِقُونَ إِلَّا ٱبۡتِغَآءَ وَجۡهِ ٱللَّهِۚ وَمَا تُنفِقُواْ مِنۡ خَيۡرٖ يُوَفَّ إِلَيۡكُمۡ وَأَنتُمۡ لَا تُظۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Ntujejwe gushoboza abagarariji kurongoka, ariko rero Imana Allah Ishoboza kurongoka mu nzira yayo uwo Ishatse. Ico cose mutanga mu matungo muzogihemberwa ku neza yanyu, kanatsinda mwebwe mwemera, nta n’ico mutanga kiretse ku kurondera gushimwa n’Imana Allah. Ico ari co cose rero mutanze mu matungo muzohabwa indishi yaco, kandi ntimuzorenganywa mu kurenza urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi.
Arabic explanations of the Qur’an:
لِلۡفُقَرَآءِ ٱلَّذِينَ أُحۡصِرُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ لَا يَسۡتَطِيعُونَ ضَرۡبٗا فِي ٱلۡأَرۡضِ يَحۡسَبُهُمُ ٱلۡجَاهِلُ أَغۡنِيَآءَ مِنَ ٱلتَّعَفُّفِ تَعۡرِفُهُم بِسِيمَٰهُمۡ لَا يَسۡـَٔلُونَ ٱلنَّاسَ إِلۡحَافٗاۗ وَمَا تُنفِقُواْ مِنۡ خَيۡرٖ فَإِنَّ ٱللَّهَ بِهِۦ عَلِيمٌ
Muragenera rero imperezwa zanyu abakene bihebeye guharanira idini ry’Imana, bigatuma badashobora guca irya n’ino kurondera ikibabeshaho, uwutabazi ababonye yokwibaza ko ari abatunzi bikenuye ku kwiyubaha ntibasege; ubamenyera ku bimenyetso vy’ugukena, ntibigera basabiriza; n’iyo bibaye ngombwa gusaba, ntibasega bakwizingirako ku gahato. Ico cose mutanze rero mu matungo, mu vy’ukuri Imana Allah Irakizi, Izokibahembera.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُم بِٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ سِرّٗا وَعَلَانِيَةٗ فَلَهُمۡ أَجۡرُهُمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ وَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Abatanga amatungo yabo ku bw’Imana Allah mw’ijoro no ku murango, mu mpisho no ku mugaragaro, abo bazosanga indishi yabo y’ivyo bakoze ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi.
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ يَأۡكُلُونَ ٱلرِّبَوٰاْ لَا يَقُومُونَ إِلَّا كَمَا يَقُومُ ٱلَّذِي يَتَخَبَّطُهُ ٱلشَّيۡطَٰنُ مِنَ ٱلۡمَسِّۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ قَالُوٓاْ إِنَّمَا ٱلۡبَيۡعُ مِثۡلُ ٱلرِّبَوٰاْۗ وَأَحَلَّ ٱللَّهُ ٱلۡبَيۡعَ وَحَرَّمَ ٱلرِّبَوٰاْۚ فَمَن جَآءَهُۥ مَوۡعِظَةٞ مِّن رَّبِّهِۦ فَٱنتَهَىٰ فَلَهُۥ مَا سَلَفَ وَأَمۡرُهُۥٓ إِلَى ٱللَّهِۖ وَمَنۡ عَادَ فَأُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Abarya inyungu izira (riba), ntibazohagarara bava mu mva ku musi w’izuka atari nka kurya uwafashwe na shetani ahaguruka adandabagirana, ivyo bigaterwa n’uko bavuze bati: “Burya urudandazwa n’inyungu yarwo irarekuwe nk’iyiva muri “riba””. Banguha! Burya Imana Allah Yararekuye urudandazwa n’inyungu ivamwo; kuko harimwo guhanahana ibidandazwa ku nyungu zigaruka ku mudandaji n’umuguzi, Iziririza inyungu iva muri “riba”; kuko harimwo agahotoro n’isesagurwa ry’ubutunzi. Uwo wese rero azoshikirwa n’ingingo y’Imana yiwe Rurema Allah yo kuziririza inyungu izira, agaheza akavavanura na yo, uyo nta caha kuri we, ararekuriwe inyungu yaronse imbere yuko iziririzwa, Imana Allah Imutegeye ku bikurikira muri kazoza. Nayo uwuzosubira kurya inyungu izira inyuma y’aho, uyo azoba ari mu bantu bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَمۡحَقُ ٱللَّهُ ٱلرِّبَوٰاْ وَيُرۡبِي ٱلصَّدَقَٰتِۗ وَٱللَّهُ لَا يُحِبُّ كُلَّ كَفَّارٍ أَثِيمٍ
Imana Allah Ivuma inyungu izira, Ikagwiza imigisha y’imperezwa, kandi rero Imana Allah ntikunda namba umugarariji karuhariwe yuzuye ivyaha bitewe no kurya inyungu izira.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَأَقَامُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتَوُاْ ٱلزَّكَوٰةَ لَهُمۡ أَجۡرُهُمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ وَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Mu vy’ukuri, abemeye bakanakora ivyiza bitegetswe, bagatsimbataza n’amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, bazosanga indishi yabo y’ivyo bakoze ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَذَرُواْ مَا بَقِيَ مِنَ ٱلرِّبَوٰٓاْ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo! Nimutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, maze mureke gusaba inyungu izira ku matungo yanyu mwahora mukoresha imbere yuko “riba” iziririzwa nimwaba muri abemeramana koko mu mvugo n’ingiro;
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِن لَّمۡ تَفۡعَلُواْ فَأۡذَنُواْ بِحَرۡبٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَرَسُولِهِۦۖ وَإِن تُبۡتُمۡ فَلَكُمۡ رُءُوسُ أَمۡوَٰلِكُمۡ لَا تَظۡلِمُونَ وَلَا تُظۡلَمُونَ
Nimutabigenza nk’ukwo rero, muraheza mwitegurire indwano iturutse ku Mana Allah n’Intumwa yayo; nimwigaya naho mukagaruka ku Mana Allah, muzoba murekuriwe kwakira imitahe y’ingurane zanyu mutayisavyeko inyungu izira, ntihagire n’uwo murenganya ngo mumwake ikirenze ku mutahe, eka mbere na mwe nyene ntihagire n’uwubarenganya ngo abasubize ingurane y’umutahe idakwiye.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِن كَانَ ذُو عُسۡرَةٖ فَنَظِرَةٌ إِلَىٰ مَيۡسَرَةٖۚ وَأَن تَصَدَّقُواْ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Uwaguranywe niyaba adashoboye kuriha, muramurindira gushika aho bizomushobokera kuriha. Nimwamuhebera ingurane yose canke igice cayo, bizoba ari vyiza kuri mwebwe nimwaba muzi indishi zirimwo mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱتَّقُواْ يَوۡمٗا تُرۡجَعُونَ فِيهِ إِلَى ٱللَّهِۖ ثُمَّ تُوَفَّىٰ كُلُّ نَفۡسٖ مَّا كَسَبَتۡ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Bantu! Nimwiyubare rero umusi mwasubiye ku Mana Allah kugira muharurirwe, hanyuma umwe wese muri mwebwe akazohabwa indishi y’ivyiza canke ibibi yarondeye, kandi rero abantu ntibazorenganywa mu kurenza urugero rw’ibihano canke mu kugabanywa indishi[57].
[57] Izi Aayah zirerekana ko kuvavanura n’inyungu izira (riba) gutsimbataza ukwemera hamwe n’ibindi bikorwa vyiza bitegetswe; nk’ugutsimbataza amasengesho, ugutanga ishikanwa-bwirizwa n’ibindi.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا تَدَايَنتُم بِدَيۡنٍ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمّٗى فَٱكۡتُبُوهُۚ وَلۡيَكۡتُب بَّيۡنَكُمۡ كَاتِبُۢ بِٱلۡعَدۡلِۚ وَلَا يَأۡبَ كَاتِبٌ أَن يَكۡتُبَ كَمَا عَلَّمَهُ ٱللَّهُۚ فَلۡيَكۡتُبۡ وَلۡيُمۡلِلِ ٱلَّذِي عَلَيۡهِ ٱلۡحَقُّ وَلۡيَتَّقِ ٱللَّهَ رَبَّهُۥ وَلَا يَبۡخَسۡ مِنۡهُ شَيۡـٔٗاۚ فَإِن كَانَ ٱلَّذِي عَلَيۡهِ ٱلۡحَقُّ سَفِيهًا أَوۡ ضَعِيفًا أَوۡ لَا يَسۡتَطِيعُ أَن يُمِلَّ هُوَ فَلۡيُمۡلِلۡ وَلِيُّهُۥ بِٱلۡعَدۡلِۚ وَٱسۡتَشۡهِدُواْ شَهِيدَيۡنِ مِن رِّجَالِكُمۡۖ فَإِن لَّمۡ يَكُونَا رَجُلَيۡنِ فَرَجُلٞ وَٱمۡرَأَتَانِ مِمَّن تَرۡضَوۡنَ مِنَ ٱلشُّهَدَآءِ أَن تَضِلَّ إِحۡدَىٰهُمَا فَتُذَكِّرَ إِحۡدَىٰهُمَا ٱلۡأُخۡرَىٰۚ وَلَا يَأۡبَ ٱلشُّهَدَآءُ إِذَا مَا دُعُواْۚ وَلَا تَسۡـَٔمُوٓاْ أَن تَكۡتُبُوهُ صَغِيرًا أَوۡ كَبِيرًا إِلَىٰٓ أَجَلِهِۦۚ ذَٰلِكُمۡ أَقۡسَطُ عِندَ ٱللَّهِ وَأَقۡوَمُ لِلشَّهَٰدَةِ وَأَدۡنَىٰٓ أَلَّا تَرۡتَابُوٓاْ إِلَّآ أَن تَكُونَ تِجَٰرَةً حَاضِرَةٗ تُدِيرُونَهَا بَيۡنَكُمۡ فَلَيۡسَ عَلَيۡكُمۡ جُنَاحٌ أَلَّا تَكۡتُبُوهَاۗ وَأَشۡهِدُوٓاْ إِذَا تَبَايَعۡتُمۡۚ وَلَا يُضَآرَّ كَاتِبٞ وَلَا شَهِيدٞۚ وَإِن تَفۡعَلُواْ فَإِنَّهُۥ فُسُوقُۢ بِكُمۡۗ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَۖ وَيُعَلِّمُكُمُ ٱللَّهُۗ وَٱللَّهُ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٞ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo! Nimwaguranana ingurane izokwishurwa ku gihe cumvikanyweko, murashoka muyandika. Umwanditsi w’umwizigirwa araheza abandikire. Uwahawe n’Imana Allah amahirwe yo kumenya kwandika, niyasabwa kubandikira ntazokwanke, araheza rero yandike ivyo abwiwe n’uwahawe ingurane, kandi atinye Imana yiwe Rurema Allah ntagabanye na gato ku vyo yishuzwa. Uwahawe iyo ngurane niyaba yarakehewe n’ubwenge, akiri muto ataragera mu bigero, yarasaze canke ari nyamuragi, umuhagarikizi wiwe aravuga ata karenganyo ico yishuzwa. Muraheze rero musabe ko hoba ivyabona bibiri vy’intungane mu bagabo muri mwebwe nyene. Nihataboneka abagabo babiri, murasaba ko umugabo umwe n’abagore babiri mwishimiye boba ivyabona, kugira ngo umwe muri nya bagore niyibagira, uwundi aze yibutse mugenziwe. Ivyabona ntibizokwanke kwitaba nivyarengutswa gushikiriza ico bizi, kandi ntimuzonebwe kwandika ingurane yaba nto canke nini n’igihe izorihirwa. Iyo ni yo ngingo itunganye ku Mana Allah, ni na bwo buryo butomoye bwo kwisunga mu kuba ivyabona, ni na yo nzira kandi ya hafi yo gukura amakenga mu bijanye n’ubwoko bw’ingurane, uko ingana n’ikiringo izorihirwako. Ariko rero mu gihe rwoba ari urudandazwa rubaye hagati yanyu aho nyene, nta kibi kuri mwebwe mu kutarwandika, mugabo ni vyiza ko mwotora ivyabona mu gihe c’igura n’igurishwa ku mpungenge zo kwanka gucanamwo. Kirazira rero ko umwanditsi n’icabona bagirirwa nabi n’uwatanze ingurane, uwayihawe canke uwundi wese yokenerako ijambo. Nimwagira ivyo mubujijwe, muzoba mubaye ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, mukwiye no guhanwa. Muraheza rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, Imana Allah Izoheza Ibigishe ibituma muroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kandi rero Imana Allah ikintu cose mukoze Irakizi, ni Nyenubumenyikurivyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَإِن كُنتُمۡ عَلَىٰ سَفَرٖ وَلَمۡ تَجِدُواْ كَاتِبٗا فَرِهَٰنٞ مَّقۡبُوضَةٞۖ فَإِنۡ أَمِنَ بَعۡضُكُم بَعۡضٗا فَلۡيُؤَدِّ ٱلَّذِي ٱؤۡتُمِنَ أَمَٰنَتَهُۥ وَلۡيَتَّقِ ٱللَّهَ رَبَّهُۥۗ وَلَا تَكۡتُمُواْ ٱلشَّهَٰدَةَۚ وَمَن يَكۡتُمۡهَا فَإِنَّهُۥٓ ءَاثِمٞ قَلۡبُهُۥۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ عَلِيمٞ
Nimwaba muri ku rugendo mukabura umwanditsi, murahereza uwutanze ingurane ingwati agumana gushika arishwe ingurane yiwe. Nimwizerana, mukaguranana mutarinze kwandika, gutora ivyabona no gusaba ingwati, uwuhawe ingurane araheza rero yishure ingurane yizeweko, maze atinye Imana yiwe Rurema Allah ntahemuke. Niyihindukiza agahemuka naho, hakaba igihe baguranana hari ababona, muraheza mube ivyabona vy’ukuri ntihagire ico muzonyegeza. Uwuzonyegeza ico yabonye azoba ari nyenumutima wuzuye ivyaha, kandi rero Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Nyenubumenyikurivyose.
Arabic explanations of the Qur’an:
لِّلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۗ وَإِن تُبۡدُواْ مَا فِيٓ أَنفُسِكُمۡ أَوۡ تُخۡفُوهُ يُحَاسِبۡكُم بِهِ ٱللَّهُۖ فَيَغۡفِرُ لِمَن يَشَآءُ وَيُعَذِّبُ مَن يَشَآءُۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ
Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo. Muramutse museruye ibiri ku mitima yanyu canke mukabihisha, Imana Allah Izobibaharurako, maze Ibabarire uwo Ishatse, Inahane uwo Ishatse[58]. Imana Allah ni Yo Mushoboravyose.
[58] Ku mpuhwe z’Imana Allah Yahavuye Ireka guhanira umuntu ico ahishije ku mutima wiwe, mu gihe ataragiserura mu majambo canke mu ngiro.
Arabic explanations of the Qur’an:
ءَامَنَ ٱلرَّسُولُ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيۡهِ مِن رَّبِّهِۦ وَٱلۡمُؤۡمِنُونَۚ كُلٌّ ءَامَنَ بِٱللَّهِ وَمَلَٰٓئِكَتِهِۦ وَكُتُبِهِۦ وَرُسُلِهِۦ لَا نُفَرِّقُ بَيۡنَ أَحَدٖ مِّن رُّسُلِهِۦۚ وَقَالُواْ سَمِعۡنَا وَأَطَعۡنَاۖ غُفۡرَانَكَ رَبَّنَا وَإِلَيۡكَ ٱلۡمَصِيرُ
Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaremeye iranizigira ivyo yahishuriwe n’Imana yayo Rurema Allah muri Qor’ani, eka n’abemeramana baravyemeye baranabishira mu ngiro; umwe wese muri bo yaremeye Imana Allah, abamalayika bayo, Ibitabu vyayo n’Intumwa zayo zose, baraheza bavuga bati: “Ntituvangura n’imwe mu kwemera Intumwa zayo”. Barongeye baravuga hamwe n’Intumwa bati: “Twumvise kandi twumviye Imana Allah, turasavye rero imbabazi n’ikigongwe cawe, Mana yacu Rurema! Ni no kuri Wewe rero tuzosubira kugira Uduhembere ivyo twakoze”.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَا يُكَلِّفُ ٱللَّهُ نَفۡسًا إِلَّا وُسۡعَهَاۚ لَهَا مَا كَسَبَتۡ وَعَلَيۡهَا مَا ٱكۡتَسَبَتۡۗ رَبَّنَا لَا تُؤَاخِذۡنَآ إِن نَّسِينَآ أَوۡ أَخۡطَأۡنَاۚ رَبَّنَا وَلَا تَحۡمِلۡ عَلَيۡنَآ إِصۡرٗا كَمَا حَمَلۡتَهُۥ عَلَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِنَاۚ رَبَّنَا وَلَا تُحَمِّلۡنَا مَا لَا طَاقَةَ لَنَا بِهِۦۖ وَٱعۡفُ عَنَّا وَٱغۡفِرۡ لَنَا وَٱرۡحَمۡنَآۚ أَنتَ مَوۡلَىٰنَا فَٱنصُرۡنَا عَلَى ٱلۡقَوۡمِ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Imana Allah ntitegeka umuntu ibirimwo amananiza, Imutegeka ivyoroshe ashoboye gushira mu ngiro bitewe n’impuhwe Imufitiye. Umwe wese rero azohemberwa ivyiza yarondeye, ahanirwe ibibi yarondeye. Mana yacu Rurema Allah! Ntuduhane mu gihe twibagiye gukora ibitegetswe, mu gihe dukoze ibibujijwe, canke mu gihe dukosheje bitewe no kutamenya. Mana yacu Rurema Allah! Ntuduhe itegeko ririmwo amananiza nk’uko Wategetse ab’aho hambere yacu ku kubahana. Mana yacu Rurema Allah! Ntuturemeke amabwirizwa tudashoboye gushira mu ngiro, duhanagurire ivyaha vyacu, tugumirize akabanga ku vyaha vyacu maze ntubiduhanire, Wongere Utugirire impuhwe n’ubugwaneza. Ni Wewe Umuhagarikizi n’Umutabazi wacu, dushoboze rero gutsinda abantu b’abagarariji.
Arabic explanations of the Qur’an:
 
Translation of the meanings Surah: Al-Baqarah
Surahs’ Index Page Number
 
Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية - Translations’ Index

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

close