Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Translations’ Index

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Translation of the meanings Surah: Al-Anbiyā’   Ayah:

SURATU L-AMBIYAA-I

ٱقۡتَرَبَ لِلنَّاسِ حِسَابُهُمۡ وَهُمۡ فِي غَفۡلَةٖ مُّعۡرِضُونَ
Iharurirwa ry’abantu ku vyo bakoze vuba bwango rirashika, mu gihe abagarariji bari mu gusamazwa n’ivy’isi, birengagiza iri gabishwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
مَا يَأۡتِيهِم مِّن ذِكۡرٖ مِّن رَّبِّهِم مُّحۡدَثٍ إِلَّا ٱسۡتَمَعُوهُ وَهُمۡ يَلۡعَبُونَ
Nta kintu na kimwe kibashikira kiva ku Mana yabo Rurema Allah muri Qor’ani, ngo kibabere urwibutso, kiretse ko bacumviriza batebura bakagifata minenegwe.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَاهِيَةٗ قُلُوبُهُمۡۗ وَأَسَرُّواْ ٱلنَّجۡوَى ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ هَلۡ هَٰذَآ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُكُمۡۖ أَفَتَأۡتُونَ ٱلسِّحۡرَ وَأَنتُمۡ تُبۡصِرُونَ
Imitima yabo yaragoswe n’ibihendamaso vy’isi bituma batanyurwa na Qor’ani. Ahubwo rero abirenganije mu Bakorayishi, bariherereye kugira ngo bapfundike mu mpisho ico bokora mu kuburagiza abantu kwemera Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), baraheza bakwiragiza igihuha bati: “Muhamadi si ikindi kiretse ko ari umuntu nkamwe. Karashize ingani ngo muje kwumviriza ubukonikoni bwa Qor’ani kandi mubona ko bushikirizwa n’umuntu asanzwe nkamwe!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ رَبِّي يَعۡلَمُ ٱلۡقَوۡلَ فِي ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yabishuye ati: “Imana yanje Rurema Allah, Irazi ibivugwa mw’ijuru no kw’isi, ni na Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana”.
Arabic explanations of the Qur’an:
بَلۡ قَالُوٓاْ أَضۡغَٰثُ أَحۡلَٰمِۭ بَلِ ٱفۡتَرَىٰهُ بَلۡ هُوَ شَاعِرٞ فَلۡيَأۡتِنَا بِـَٔايَةٖ كَمَآ أُرۡسِلَ ٱلۡأَوَّلُونَ
Ahubwo rero, abagarariji bahakana bivuye inyuma n'ibigirankana Qor’ani; muri bo, harimwo abavuga ko Qor’ani ari indoto z’uwurazirana ata kuri kurimwo; hakaba n’abandi bavuga ko ahubwo ari amajambo y’irementanya; hari n’abinamura mu kuvuga ko Muhamadi ari umwivuzi w’amazina y’ab’aho hambere; niyaba rero ashaka ko tumwemera, arazana igitangaro gifadika; nk’ibitangaro vyahawe ab’aho hambere yiwe[1].
[1] Nk’ingamiya yahawe Swalehe n’ibitangaro vyahawe Musa na Isa (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah),
Arabic explanations of the Qur’an:
مَآ ءَامَنَتۡ قَبۡلَهُم مِّن قَرۡيَةٍ أَهۡلَكۡنَٰهَآۖ أَفَهُمۡ يُؤۡمِنُونَ
Imbere y’abagarariji b’i Makka, nta banyagacimbiri na bamwe bigeze bemera kuko bahawe ibitangaro basavye Intumwa zabo, ahubwo barahakanye bivuye inyuma nya bitangaro, maze Turabahonya. Vyoshoboka gute rero ko abagarariji b’i Makka bokwemera babanje guhabwa ibitangaro!
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَآ أَرۡسَلۡنَا قَبۡلَكَ إِلَّا رِجَالٗا نُّوحِيٓ إِلَيۡهِمۡۖ فَسۡـَٔلُوٓاْ أَهۡلَ ٱلذِّكۡرِ إِن كُنتُمۡ لَا تَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Ntitwigeze Dutuma mu bantu b’aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa mu bantu b’abagabo baba mu bisagara, eka ntibari mu bamalayika namba, Tugaheza rero Tugahishurira nya Ntumwa amabwirizwa yacu. Babangikanyamana! Nimwaba mutemera ivyo, murabaza abamenyi mu bahawe Ibitabu, bazobabwira ko Intumwa zose zarungitswe zava mu bantu b’abagabo, nimwaba mutazi ko vyari ukwo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا جَعَلۡنَٰهُمۡ جَسَدٗا لَّا يَأۡكُلُونَ ٱلطَّعَامَ وَمَا كَانُواْ خَٰلِدِينَ
Kandi nya Ntumwa, ntitwaziremye ari ibitumbatumba gusa mu buryo butandukanye n’abantu, ngo ntizikenere gufungura no kunywa, eka ntizanabayeho ibihe bidahera ngo ntizipfe.
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ صَدَقۡنَٰهُمُ ٱلۡوَعۡدَ فَأَنجَيۡنَٰهُمۡ وَمَن نَّشَآءُ وَأَهۡلَكۡنَا ٱلۡمُسۡرِفِينَ
Hanyuma Twarashiriye mu ngiro nya Ntumwa isezerano ry’intsinzi, Turaheza Turazirokora ziri kumwe n’abo Dushatse mu bazikurikiye, maze Duhonya abimonogoje mu bugarariji.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَقَدۡ أَنزَلۡنَآ إِلَيۡكُمۡ كِتَٰبٗا فِيهِ ذِكۡرُكُمۡۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Ni ukuri, Twarabamanuriye Igitabu ca Qor’ani kirimwo iteka n’icubahiro canyu kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nimwaba mwibuka. Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure ko mwatewe iteka gusumba abandi!
Arabic explanations of the Qur’an:
وَكَمۡ قَصَمۡنَا مِن قَرۡيَةٖ كَانَتۡ ظَالِمَةٗ وَأَنشَأۡنَا بَعۡدَهَا قَوۡمًا ءَاخَرِينَ
Hari uducimbiri twinshi Twahoneje bene two birenganije mu kugarariza ivyo bazaniwe n’Intumwa zabo, Turaheza mu nyuma zabo Tuhacumbikira abandi bantu.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَلَمَّآ أَحَسُّواْ بَأۡسَنَآ إِذَا هُم مِّنۡهَا يَرۡكُضُونَ
Igihe rero abirenganije muri nya ducimbiri babona ibihano vyacu Twebwe Allah bigiye kubashikira, barataye baromoka, barata barahunga;
Arabic explanations of the Qur’an:
لَا تَرۡكُضُواْ وَٱرۡجِعُوٓاْ إِلَىٰ مَآ أُتۡرِفۡتُمۡ فِيهِ وَمَسَٰكِنِكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تُسۡـَٔلُونَ
Ni ho baca babwirwa ku gahemo bati: “Ntimuhunge namba, nimusubire kuryoherwa n’ibihendamaso vy’isi, maze mugaruke mu nyubakwa zanyu mwahora mwiratira, kugira mubazwe ku vyabashikiye”;
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ يَٰوَيۡلَنَآ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ
Nta nyishu baronse irenga ivyo bakoze bakavuga bati: “Amagogwa arama yemwe! Mu vy’ukuri, twarirenganije mu kugarariza”;
Arabic explanations of the Qur’an:
فَمَا زَالَت تِّلۡكَ دَعۡوَىٰهُمۡ حَتَّىٰ جَعَلۡنَٰهُمۡ حَصِيدًا خَٰمِدِينَ
Ntibaretse kuguma bisabira uguhona bihebuye gushika n’aho Tubahonereje Tukabagira nk’igiterwa caranduwe kikumagana, babaye intumbi zibereye aho[2].
[2] Muri iyi Aayah harimwo igabisha rikomeye ku bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko mu gihe bobandanya guhakana iyo Ntumwa, boshikirwa n’ibihano nk’ivyashikiye abantu bo hambere yabo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَآءَ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا لَٰعِبِينَ
Twebwe Allah, Ntitwaremye ijuru n’isi n’ibiri hagati yavyo ku busa, ata hangiro Tubifiseko, Twabiremye kugira mutahure ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, muheze mumenye ko ari Yo mukwiye kwiyegereza mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَوۡ أَرَدۡنَآ أَن نَّتَّخِذَ لَهۡوٗا لَّٱتَّخَذۡنَٰهُ مِن لَّدُنَّآ إِن كُنَّا فَٰعِلِينَ
Iyo Dushaka kwigenera rero ibisamaza; nk’umwana canke umugore, Twari kuvyigenera mu biri iwacu mw’ijuru[3], si muri mwebwe abantu; ntitwari kubigira ukwo ngo Twigenere umwana canke umugore kuko bitabaho;
[3] Mu bamalayika no mu bakenyezi b’akaroruhore bo mu Bwami bw’ijuru “Hururayini”.
Arabic explanations of the Qur’an:
بَلۡ نَقۡذِفُ بِٱلۡحَقِّ عَلَى ٱلۡبَٰطِلِ فَيَدۡمَغُهُۥ فَإِذَا هُوَ زَاهِقٞۚ وَلَكُمُ ٱلۡوَيۡلُ مِمَّا تَصِفُونَ
Ahubwo Dufata ukuri kw’ukwemera Tukakugaragaza, maze ikinyoma c’ubugarariji kigakubitirwa ahabona, kikagenda amazimayongo. Babangikanyamana! Murategekanirijwe ibihano nya bihano mu buzima bw’inyuma yo gupfa ku kwitirira Imana Allah ibitayibereye.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَهُۥ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَمَنۡ عِندَهُۥ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ عَنۡ عِبَادَتِهِۦ وَلَا يَسۡتَحۡسِرُونَ
Ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiremwa vyose biri mu majuru no mw’isi, kandi n’abamalayika bari ku Mana Allah, ntibagira amanyama ngo bareke kuyiyegereza mu vyo bagira, eka ntibanadebukirwa mu kuyisenga;
Arabic explanations of the Qur’an:
يُسَبِّحُونَ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ لَا يَفۡتُرُونَ
Baninahaza Imana Allah ijoro n’umurango, ntibigera baruha canke ngo bagire ubute.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَمِ ٱتَّخَذُوٓاْ ءَالِهَةٗ مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ هُمۡ يُنشِرُونَ
Bishoboka gute ko ababangikanyamana bigirira imana zabo bibaziye n'iminwe yabo kw’isi, ata na kimwe zishoboye!
Arabic explanations of the Qur’an:
لَوۡ كَانَ فِيهِمَآ ءَالِهَةٌ إِلَّا ٱللَّهُ لَفَسَدَتَاۚ فَسُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ رَبِّ ٱلۡعَرۡشِ عَمَّا يَصِفُونَ
Iyo mu majuru n’isi haba hariyo imana zindi atari Imana Allah, zitunganya ubuzima bw'ibiremwa bibayo, itunganywa rya nya buzima ryari guhungabana. Nihaninahazwe rero Imana Allah, Nyenubuhangamo mu buryo burengeye cane ivyo abagarariji bayitirira.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَا يُسۡـَٔلُ عَمَّا يَفۡعَلُ وَهُمۡ يُسۡـَٔلُونَ
Imana Allah ntibazwa ku vyo Yageze ku biremwa Ikanabishira mu ngiro[4], mu gihe ibiremwa vyose bizobazwa ku vyo vyakoze.
[4] Ubushobozi n'ububasha vyo gutunganya ubuzima bw'ibiremwa biba mw'ijuru no kw'isi, birakwiye kuba icemezo c'uko Imana Allah Idakwiye kubangikanywa mu kurema no mu gusengwa kwayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَمِ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ ءَالِهَةٗۖ قُلۡ هَاتُواْ بُرۡهَٰنَكُمۡۖ هَٰذَا ذِكۡرُ مَن مَّعِيَ وَذِكۡرُ مَن قَبۡلِيۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ ٱلۡحَقَّۖ فَهُم مُّعۡرِضُونَ
Mbega ababangikanyamana bigiriye imana mu gishingo c’Imana Allah kuko zoba zishoboye kugira ico zimaze canke zishe; zishoboye gutanga ubuzima canke kubwaka! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimuzane rero ivyemezo vyerekana ko ibigirwamana ari imana koko zikwiye gusengwa! Nta na kimwe kivyemeza kiri muri iyi Qor’ani nahishuriwe, canke kiri mu Bitabu vyahawe abo hambere yanje”. Ahubwo rero ababangikanyamana basenga ibigirwamana ku bujuju bwo kwigana ivyo batazi, kuko abenshi muri bo ntibazi ukuri; n’iyo bashikirijwe ukuri barakwirengagiza.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَآ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ مِن رَّسُولٍ إِلَّا نُوحِيٓ إِلَيۡهِ أَنَّهُۥ لَآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنَا۠ فَٱعۡبُدُونِ
Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Ntitwigeze Dutuma aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa Tugaheza rero Tukayihishurira ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Jewe Allah. Kubera ivyo rero, nimunyiyegereze mu vyo mukora vyose munsenge mutambangikanya.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالُواْ ٱتَّخَذَ ٱلرَّحۡمَٰنُ وَلَدٗاۗ سُبۡحَٰنَهُۥۚ بَلۡ عِبَادٞ مُّكۡرَمُونَ
Ababangikanyamana bavuze bati: “Nyenimpuhwe Allah, Yarigeneye umwana mu bamalayika”. Nihaninahazwe Imana Allah mu buryo burengeye cane kwitirirwa umwana, ahubwo abamalayika ni abaja bayo batewe iteka;
Arabic explanations of the Qur’an:
لَا يَسۡبِقُونَهُۥ بِٱلۡقَوۡلِ وَهُم بِأَمۡرِهِۦ يَعۡمَلُونَ
Bumvira Imana Allah koko, ntibitanganiza kuvuga kiretse ivyo bategetswe na Yo, kandi nta n’ikintu na kimwe bakora batabanje guhabwa uburenganzira na Yo.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَعۡلَمُ مَا بَيۡنَ أَيۡدِيهِمۡ وَمَا خَلۡفَهُمۡ وَلَا يَشۡفَعُونَ إِلَّا لِمَنِ ٱرۡتَضَىٰ وَهُم مِّنۡ خَشۡيَتِهِۦ مُشۡفِقُونَ
Imana Allah, Irazi neza ibikorwa n’abamalayika, muri kahise no muri kazoza kabo. Eka ntibitanganiza kuvugira n’umwe ku vyo yakoze, kiretse uwo Imana Allah Ishimye ko bamuvugira; kandi ku gutinya Imana Allah, barinengesera guca kubiri n’amabwirizwa yayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَمَن يَقُلۡ مِنۡهُمۡ إِنِّيٓ إِلَٰهٞ مِّن دُونِهِۦ فَذَٰلِكَ نَجۡزِيهِ جَهَنَّمَۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلظَّٰلِمِينَ
No mu gihe vyoshika mu bamalayika hakagira uwinamura akavuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi imana mu gishingo c’Imana Allah”, uyo Twoca Tumuha indishi y’umuriro wa Jahannamu. Ni nk’iyo ndishi nyene y’umuriro rero Duha abirenganya bakabangikanya Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَوَلَمۡ يَرَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ أَنَّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ كَانَتَا رَتۡقٗا فَفَتَقۡنَٰهُمَاۖ وَجَعَلۡنَا مِنَ ٱلۡمَآءِ كُلَّ شَيۡءٍ حَيٍّۚ أَفَلَا يُؤۡمِنُونَ
Mbega abagararije bakabangikanya Imana Allah, ntibaramenya ko mu vy’ukuri amajuru n’isi vyari bifatanye[5], maze Twebwe Allah Turaheza Turabifatanura ku bushobozi n'ububasha vyacu, Duca Dutuma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, isi iratotahara, gutyo amazi Tuyagira inkomoko y’ubuzima bw'ikintu ico ari co cose mu binyabuzima! Mbega none abagarariji ntibokwemera ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, maze bakayisenga batayibangikanya!
[5] Ico gihe nta kirere hagati y’ijuru n’isi cariho ngo hashobore kugwa imvura.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَجَعَلۡنَا فِي ٱلۡأَرۡضِ رَوَٰسِيَ أَن تَمِيدَ بِهِمۡ وَجَعَلۡنَا فِيهَا فِجَاجٗا سُبُلٗا لَّعَلَّهُمۡ يَهۡتَدُونَ
Twaremye n’imisozi ishinze imizi nk’imambo mw’isi, kugira nya misozi igumye isi ntihungabanye abayibako; Tubacira n’amayira y’imigenderanire kw’isi, kugira bishire bizane mu kurondera ibibabeshaho, baheze batumbere Imana Imwe Rudende Allah;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَجَعَلۡنَا ٱلسَّمَآءَ سَقۡفٗا مَّحۡفُوظٗاۖ وَهُمۡ عَنۡ ءَايَٰتِهَا مُعۡرِضُونَ
N’ijuru ryegereye isi, Twarigize igisenge ata nkingi zigifashe, kandi kirakingiwe. Ntigishobora kugwa, vyongeye nta n’amashetani ashobora kukivogera. Hamwe n’ivyo rero, ntibibuza ko abagarariji birengagiza ivyemezo biri muri nya juru; nk’izuba, ukwezi n’inyenyeri vyotuma bemera ko hariho Imana Imwe Rudende Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَهُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ كُلّٞ فِي فَلَكٖ يَسۡبَحُونَ
Imana Allah rero, ni na Yo Yaremye ijoro kugira muruhuke umuruho wo ku murango; Irema n’umurango, kugira murondere icobabeshaho; Irema n’izuba kugira ribe ikimenyetso kibamurikira ku murango; Iraheza Irema n’ukwezi kugira kube ikimenyetso caka mw’ijoro. Burya rero izuba, ukwezi n’izindi nyenyeri, kimwe cose kirafise inzira-ntasobwa yaco gicamwo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَا جَعَلۡنَا لِبَشَرٖ مِّن قَبۡلِكَ ٱلۡخُلۡدَۖ أَفَإِيْن مِّتَّ فَهُمُ ٱلۡخَٰلِدُونَ
Ntumwa y’Imana! Aho hambere yawe, nta muntu n’umwe Twahaye kubaho ubuzima bwo kw’isi ata gupfa. Mbega mu gihe wewe wopfa, ni bo rero bobaho ubuzima bwose kw’isi[6]!
[6] Iyi Aayah, ni icemezo c'uko n’Umuvugishwamana Khadwiri (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yapfuye.
Arabic explanations of the Qur’an:
كُلُّ نَفۡسٖ ذَآئِقَةُ ٱلۡمَوۡتِۗ وَنَبۡلُوكُم بِٱلشَّرِّ وَٱلۡخَيۡرِ فِتۡنَةٗۖ وَإِلَيۡنَا تُرۡجَعُونَ
Zina-kiremwa, ico ari co cose gifise ubuzima kizopfa nta gisivya, n’aho coramba imyaka n’iyindi. Tuzonabagerageza mw’iyubahirizwa ry’amabwirizwa yacu, mu gihe c’amagorwa no mu gihe c’amahirwe mu buzima bwo kw’isi, hanyuma muheze mugaruke iwacu kugira muharurirwe maze muhemberwe ivyo mwakoze.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا رَءَاكَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِن يَتَّخِذُونَكَ إِلَّا هُزُوًا أَهَٰذَا ٱلَّذِي يَذۡكُرُ ءَالِهَتَكُمۡ وَهُم بِذِكۡرِ ٱلرَّحۡمَٰنِ هُمۡ كَٰفِرُونَ
Ntumwa y’Imana! Iyo abagarariji bakubonye, baraguteburako bati: “Mbega uyu, ni we anebagura imana zanyu!”, kandi na bo bihakana inema za Nyenimpuhwe Allah, bakanagarariza Qor’ani!
Arabic explanations of the Qur’an:
خُلِقَ ٱلۡإِنسَٰنُ مِنۡ عَجَلٖۚ سَأُوْرِيكُمۡ ءَايَٰتِي فَلَا تَسۡتَعۡجِلُونِ
Burya kamere y’umuntu, ni uguhutagiza ibintu. Bagarariji! Jewe Allah, bitebe bitebuke, Nzobereka ibihano vyanje, ntimurinde kwihutira gusaba ko vyobashikira[7].
[7] Abakorayishi bihutiye gusaba ibihano ku gahigihigi, Imana Allah Ica Irabagabisha.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡوَعۡدُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Abagarariji bihutira gusaba ibihano n’itebura n’akantu bati: “Muhama! Ubona tuzoshikirwa n’ibihano udusezeranira ryari, niwaba wewe n’abagukurikiye muri imvugakuri koko!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَوۡ يَعۡلَمُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ حِينَ لَا يَكُفُّونَ عَن وُجُوهِهِمُ ٱلنَّارَ وَلَا عَن ظُهُورِهِمۡ وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ
Iyo abo bagarariji bamenya ibihano bibarindiriye igihe ata wuzoshobora kwikingira muri bo umuriro mu maso no mu mugongo, umusi batazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano, ntibari kugarariza, eka mbere ntibari no kwihutira gusaba ko bohanwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
بَلۡ تَأۡتِيهِم بَغۡتَةٗ فَتَبۡهَتُهُمۡ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ رَدَّهَا وَلَا هُمۡ يُنظَرُونَ
Ahubwo rero, umuhero w’isi uzoshikira abagarariji giturumbuka batawiteguriye, maze bajumararirwe, batekerwe n’ubwoba badashoboye no guhagarika nya bihano; eka ntibazohabwa n’agahengwe ko gutenyenya ngo bigaye canke ngo biregure.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَقَدِ ٱسۡتُهۡزِئَ بِرُسُلٖ مِّن قَبۡلِكَ فَحَاقَ بِٱلَّذِينَ سَخِرُواْ مِنۡهُم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri haragizwe itebura ku Ntumwa zo hambere yawe, maze abatebuye kuri nya Ntumwa bashikirwa n’ibihano bahora bateburako ko bitobashikira.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ مَن يَكۡلَؤُكُم بِٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ مِنَ ٱلرَّحۡمَٰنِۚ بَلۡ هُمۡ عَن ذِكۡرِ رَبِّهِم مُّعۡرِضُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abihutira gusaba ko bohanwa, uti: “Nta n’umwe ashoboye kubuza ibihano vya Nyenimpuhwe Allah mu gihe Yoshaka kubahana mw’ijoro canke ku murango, musinziriye canke mukanura”. Ahubwo abagarariji birengagiza Qor’ani yotuma bibuka bakagamburukira Imana yabo Rurema Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
أَمۡ لَهُمۡ ءَالِهَةٞ تَمۡنَعُهُم مِّن دُونِنَاۚ لَا يَسۡتَطِيعُونَ نَصۡرَ أَنفُسِهِمۡ وَلَا هُم مِّنَّا يُصۡحَبُونَ
Mbega none boba bafise imana zoshobora kubakingira ibihano vyacu! Ihibambewe! Izo mana zidashoboye kwirwanako ngo zikingire, zoshobora gute gutabara abazisenga! Kanatsinda na zo nyene ntizizokingirwa namba ibihano vyacu.
Arabic explanations of the Qur’an:
بَلۡ مَتَّعۡنَا هَٰٓؤُلَآءِ وَءَابَآءَهُمۡ حَتَّىٰ طَالَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡعُمُرُۗ أَفَلَا يَرَوۡنَ أَنَّا نَأۡتِي ٱلۡأَرۡضَ نَنقُصُهَا مِنۡ أَطۡرَافِهَآۚ أَفَهُمُ ٱلۡغَٰلِبُونَ
Ahubwo abagarariji hamwe n’abavyeyi babo, Twabahaye ibihendamaso vy’isi mu matungo n’ibibondo hamwe no kuramba, bituma bihenda ko babihawe ku butore bwabo, gutyo batsimbatara ku bugarariji. Mbega abagarariji, ntibabonye ko Twebwe Allah Dufata isi Tukagabanya inkengera zayo ku kuneshwa kw’abo mu mihingo y’isi[8], ni bo rero botunanira guhana!
[8] Maze abislamu bakigarurira ibihugu vy’ababangikanyamana.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ إِنَّمَآ أُنذِرُكُم بِٱلۡوَحۡيِۚ وَلَا يَسۡمَعُ ٱلصُّمُّ ٱلدُّعَآءَ إِذَا مَا يُنذَرُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abo warungitsweko uti: “Mu vy’ukuri, ndabagabisha ku bihano nisunze ivyo nahishuriwe n’Imana Allah muri Qor’ani, nayo ibipfamatwi ntivyumva ngo bikurikire ukuri mu gihe bigabishijwe”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَئِن مَّسَّتۡهُمۡ نَفۡحَةٞ مِّنۡ عَذَابِ رَبِّكَ لَيَقُولُنَّ يَٰوَيۡلَنَآ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ
Iyo abagarariji bakorwako gato n’ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri bari kumenya iherezo ryabo ribi, bari no kuvuga bihebuye bati: “Amagorwa arama yemwe! Mu vy’ukuri, twebwe twarirenganije mu gusenga ibigirwamana”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَنَضَعُ ٱلۡمَوَٰزِينَ ٱلۡقِسۡطَ لِيَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ فَلَا تُظۡلَمُ نَفۡسٞ شَيۡـٔٗاۖ وَإِن كَانَ مِثۡقَالَ حَبَّةٖ مِّنۡ خَرۡدَلٍ أَتَيۡنَا بِهَاۗ وَكَفَىٰ بِنَا حَٰسِبِينَ
Twebwe Allah, Tuzotereka umunzani utunganye wo kugererako ibikorwa vy’ibiremwa ku musi w’izuka, nta n’umwe rero azorenganywa ku kintu na kimwe mu vyo yakoze, n’aho coba gito kingana n’urutete rwa Khardal[9] rungana n'urutete rw'ururo, Tuzokimugerera kuri nya munzani maze Tukimuhembere, caba iciza canke ikibi. Ni na Twebwe Allah Dukwiye kuba Ababungabunzi Bahembera ibiremwa ku vyo vyakoze.
[9] Khardal, ni ubwoko bw’ibimera, bifise intete zingana n’iz’uburo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ ٱلۡفُرۡقَانَ وَضِيَآءٗ وَذِكۡرٗا لِّلۡمُتَّقِينَ
Ni ukuri, Twarahaye Musa na Haruna (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah) icemezo n’intsinzi ku bansi babo, Tubaha n’Igitabu ca Tawurati gitandukanya ukuri n’ikinyoma, kigatandukanya ikizira n’ikirekuwe, kirimwo umuco n’inyigisho ku bagamburukiramana;
Arabic explanations of the Qur’an:
ٱلَّذِينَ يَخۡشَوۡنَ رَبَّهُم بِٱلۡغَيۡبِ وَهُم مِّنَ ٱلسَّاعَةِ مُشۡفِقُونَ
Abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah kandi batayibona, bakanagira impungenge zo gutinya umusi w’umuhero w’isi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَهَٰذَا ذِكۡرٞ مُّبَارَكٌ أَنزَلۡنَٰهُۚ أَفَأَنتُمۡ لَهُۥ مُنكِرُونَ
N’iyi Qor’ani Twamanuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni urwibutso rwuzuye ivyiza ku wibuka akubahiriza n’amabwirizwa yayo. Aho nyene rero murakanagaye muyihakane!
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَآ إِبۡرَٰهِيمَ رُشۡدَهُۥ مِن قَبۡلُ وَكُنَّا بِهِۦ عَٰلِمِينَ
Ni ukuri, Twarahaye Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) uburongozi yararikiye abantu kubukurikira imbere y’irungikwa rya Musa na Haruna, kandi Twari Tuzi neza ko abikwiye;
Arabic explanations of the Qur’an:
إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَا هَٰذِهِ ٱلتَّمَاثِيلُ ٱلَّتِيٓ أَنتُمۡ لَهَا عَٰكِفُونَ
Igihe yabwira se n’abantu biwe yarungitsweko ati: “Ibi bigirwamana mwabaje maze mukitwararika kubisenga, ni ibiki?”;
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ وَجَدۡنَآ ءَابَآءَنَا لَهَا عَٰبِدِينَ
Bishuye Ibrahimu bati: “Twasanze abavyeyi bacu babisenga ukwo nyene, maze na twe turaheza turabigana”;
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ لَقَدۡ كُنتُمۡ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُمۡ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ
Ibrahimu yababwiye ati: “Ni ukuri mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu, muri mu muzimagiza ugaragara uri kure cane y’ukuri”;
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُوٓاْ أَجِئۡتَنَا بِٱلۡحَقِّ أَمۡ أَنتَ مِنَ ٱللَّٰعِبِينَ
Babwiye Ibrahimu bati: “Iryo jambo waje kutubwira, ryoba ari iry’ukuri, canke woba uri mu bifyinira, batebura?”;
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ بَل رَّبُّكُمۡ رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ ٱلَّذِي فَطَرَهُنَّ وَأَنَا۠ عَلَىٰ ذَٰلِكُم مِّنَ ٱلشَّٰهِدِينَ
Ibrahimu yababwiye ati: “Ahubwo Imana yanyu Rurema Allah ndabararikira gusenga, ni Yo Mana Yaremye amajuru n’isi, kandi jewe kuri ivyo ndi mu bavyemeza koko”.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَتَٱللَّهِ لَأَكِيدَنَّ أَصۡنَٰمَكُم بَعۡدَ أَن تُوَلُّواْ مُدۡبِرِينَ
Ibrahimu ni ho yahigira nya bigirwamana, maze avuga ati: “Ndanarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko ntegerezwa gukora ibishoboka vyose nkamenagura ibigirwamana vyanyu nimwamara kubisiga vyonyene”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَجَعَلَهُمۡ جُذَٰذًا إِلَّا كَبِيرٗا لَّهُمۡ لَعَلَّهُمۡ إِلَيۡهِ يَرۡجِعُونَ
Ni ho rero Ibrahimu yamenagura nya bigirwamana abigira ubunywenywe, kiretse gusa gikuru cavyo yasize kugira bahave bakibaza ku vyashikiye ibindi bigirwamana.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ مَن فَعَلَ هَٰذَا بِـَٔالِهَتِنَآ إِنَّهُۥ لَمِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Bamaze kugaruka rero bagasanga ibigirwamana vyamenaguwe, barabazanije hagati yabo bati: “Ni nde ga yemwe yubahutse kumenagura imana zacu! Uyo muntu nta nkeka ko ari mu bantu birenganije mu gusuzugura imana zacu”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ سَمِعۡنَا فَتٗى يَذۡكُرُهُمۡ يُقَالُ لَهُۥٓ إِبۡرَٰهِيمُ
Abari bumvise Ibrahimu ahiga ko azobimenagura, bavuze bati: “Twarumvise umusore yabinebaguye, bamwita Ibrahimu”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ فَأۡتُواْ بِهِۦ عَلَىٰٓ أَعۡيُنِ ٱلنَّاسِ لَعَلَّهُمۡ يَشۡهَدُونَ
Indongozi muri bo zaciye zivuga ziti: “Nimurengutse Ibrahimu aheze yemange ivyo yakoze imbere y’ishengero ry’abantu, kugira babe ivyabona”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُوٓاْ ءَأَنتَ فَعَلۡتَ هَٰذَا بِـَٔالِهَتِنَا يَٰٓإِبۡرَٰهِيمُ
Ni ho rero barengutsa Ibrahimu baca baramubaza ishavu riniga bati: “Burahi! Mbega ni wewe wubahutse kumenagura imana zacu?”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ بَلۡ فَعَلَهُۥ كَبِيرُهُمۡ هَٰذَا فَسۡـَٔلُوهُمۡ إِن كَانُواْ يَنطِقُونَ
Na we abishura mu kubereka ubujuju bwabo ati: “Ahubwo nyabuna iki gikuru muri vyo, ni co cabikoze! Mbona vyiza mwobaza izo mana ku vyazishikiye nizaba zishoboye kuvuga canke kwishura!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَرَجَعُوٓاْ إِلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ فَقَالُوٓاْ إِنَّكُمۡ أَنتُمُ ٱلظَّٰلِمُونَ
Ubwanwa bwaciye bupfuka umunwa, maze barabona ko imana zabo ata co zishoboye, ni ho bikebukana baraheza babwirana hagati yabo bati: “Mu vy’ukuri, mwebwe mwarirenganije mw’ibangikanyamana!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
ثُمَّ نُكِسُواْ عَلَىٰ رُءُوسِهِمۡ لَقَدۡ عَلِمۡتَ مَا هَٰٓؤُلَآءِ يَنطِقُونَ
Hanyuma ntivyatevye, baca bisubirako babwira Ibrahimu bati: “Ni ukuri, urazi neza ko izi mana zitavuga, twozibaza gute!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالَ أَفَتَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُكُمۡ شَيۡـٔٗا وَلَا يَضُرُّكُمۡ
Ibrahimu yabishuye n’agasuzuguro ati: “None bigenda gute ngo musenge mu gishingo c’Imana Allah ibigirwamana ata co bibamariye mu gihe mubisenze, ata n’ico bibicira mu gihe mutobisenga!”;
Arabic explanations of the Qur’an:
أُفّٖ لَّكُمۡ وَلِمَا تَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Murakamaramara mwebwe hamwe n’imana zanyu musenga mu gishingo c’Imana Allah! Mbega ntimugira ubwenge ngo mutahure ububi bw’ivyo mugira!
Arabic explanations of the Qur’an:
قَالُواْ حَرِّقُوهُ وَٱنصُرُوٓاْ ءَالِهَتَكُمۡ إِن كُنتُمۡ فَٰعِلِينَ
Ubwanwa bumaze gupfuka umunwa, ukuri kukabagira, bahisemwo gukoresha igikenye baraheza bavuga bati: “Nyabuna nimuturire Ibrahimu, muheze mwihorere imana zanyu nimwaba mushaka kuzigarukira”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡنَا يَٰنَارُ كُونِي بَرۡدٗا وَسَلَٰمًا عَلَىٰٓ إِبۡرَٰهِيمَ
Barakanagaye bacana inkonge y’umuriro[10], maze bayitereramwo Ibrahimu, ni ho rero Twebwe Allah Twatabara Ibrahimu Duti: “Wa muriro we! Ba imbeho n’itekane kuri Ibrahimu!”. Maze umuriro uri aho, uraheza urazima ata co umutwaye.
[10] Igicaniro amahanga
Arabic explanations of the Qur’an:
وَأَرَادُواْ بِهِۦ كَيۡدٗا فَجَعَلۡنَٰهُمُ ٱلۡأَخۡسَرِينَ
Bashatse gukoresha urwenge ngo Ibrahimu apfe, maze Twebwe Allah Tuba Twabahinyuye kera baraheza baraneshwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَنَجَّيۡنَٰهُ وَلُوطًا إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ٱلَّتِي بَٰرَكۡنَا فِيهَا لِلۡعَٰلَمِينَ
Ni ho rero Twarokora Ibrahimu hamwe na Luutwi yamwemera, Turaheza Tubakura muri Iraki Tubimurira muri Shaamu[11] ahantu Twahezagije ivyiza vyinshi, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana (ba nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
[11] Shaamu muri kahise, ni izina ry’akarere kari kagizwe n’ibihugu vya Siriya, Libani, Jordaniya, Palestina, Tabuki na Sinayi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَوَهَبۡنَا لَهُۥٓ إِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَ نَافِلَةٗۖ وَكُلّٗا جَعَلۡنَا صَٰلِحِينَ
Twaranahaye Ibrahimu ikibondo Is-haka igihe yasaba ko yoronswa umwana, Twongererako n'umwuzukuru Yakubu mwene Is-haka; kandi umwe wese muri bo[12], Twamugize umweranda agamburukira Imana Allah;
[12] Ibrahimu, Is-haka na Yakubu.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَجَعَلۡنَٰهُمۡ أَئِمَّةٗ يَهۡدُونَ بِأَمۡرِنَا وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَيۡهِمۡ فِعۡلَ ٱلۡخَيۡرَٰتِ وَإِقَامَ ٱلصَّلَوٰةِ وَإِيتَآءَ ٱلزَّكَوٰةِۖ وَكَانُواْ لَنَا عَٰبِدِينَ
Twanabagize indongozi zirarikira abantu igamburukiramana ku burenganzira bwacu Twebwe Allah; Twaranabahishuriye gukora ivyiza bisunze amabwirizwa yacu, gutsimbataza isengesho rikwije ibisabwa no gutanga ishikanwa-bwirizwa, baraheza baravyubahiriza koko, kandi kuri Twebwe baricisha bugufi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلُوطًا ءَاتَيۡنَٰهُ حُكۡمٗا وَعِلۡمٗا وَنَجَّيۡنَٰهُ مِنَ ٱلۡقَرۡيَةِ ٱلَّتِي كَانَت تَّعۡمَلُ ٱلۡخَبَٰٓئِثَۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمَ سَوۡءٖ فَٰسِقِينَ
Na Luutwi nyene Twaramuhaye ubutumwa, gutumbereza ingingo n’ubumenyi bw’amabwirizwa yacu, Turanamurokora mu bihano Twahaye ababa mu gacimbiri ka Saduma, bari bimonogoje mu gukora ivyaha vy'agahomerabunwa. Mu vy’ukuri, abantu bo mu gacimbiri ka Saduma barangwa n’ibibi bitagira izina, bari n’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَأَدۡخَلۡنَٰهُ فِي رَحۡمَتِنَآۖ إِنَّهُۥ مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Twaranatunganirije Luutwi inema z’ukumushira mu mpuhwe zacu, maze Tumukura mu bihano vyahitanye abantu biwe; mu vy’ukuri, yari mu beranda bagamburukira Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَنُوحًا إِذۡ نَادَىٰ مِن قَبۡلُ فَٱسۡتَجَبۡنَا لَهُۥ فَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥ مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) aho hambere yanyu; wewe, Ibrahimu na Luutwi, igihe yahamagara atakambira Imana yiwe Rurema Allah, Turaheza Twebwe Allah Turamwumvira igisabisho ciwe, maze Tumukura mu vyago bihambaye we hamwe n’abamukurikiye;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَنَصَرۡنَٰهُ مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَآۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمَ سَوۡءٖ فَأَغۡرَقۡنَٰهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Tumukura mu mutego w’abantu bahakanye ivyemezo vyacu vyerekana ukuri kwiwe. Mu vy’ukuri, nya bantu barangwa n’ibibi, bari n’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, gutyo Turaheza Tubahonesha isegenya bose.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَدَاوُۥدَ وَسُلَيۡمَٰنَ إِذۡ يَحۡكُمَانِ فِي ٱلۡحَرۡثِ إِذۡ نَفَشَتۡ فِيهِ غَنَمُ ٱلۡقَوۡمِ وَكُنَّا لِحُكۡمِهِمۡ شَٰهِدِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru y’Umuvugishwamana Dawudi hamwe n’umwana wiwe Sulayimani (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe baca urubanza rw’abantu babiri babitwayeko, aho intungwa z’umwe muri bo zonye mw’ijoro umurima w’uwundi, maze Dawudi aca urubanza ko izo ntungwa zokwegukira nyenumurima, kuko zanganya igiciro n’ivyononekaye, kandi Twari n’Ivyabona ku ngingo yafashe.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَفَهَّمۡنَٰهَا سُلَيۡمَٰنَۚ وَكُلًّا ءَاتَيۡنَا حُكۡمٗا وَعِلۡمٗاۚ وَسَخَّرۡنَا مَعَ دَاوُۥدَ ٱلۡجِبَالَ يُسَبِّحۡنَ وَٱلطَّيۡرَۚ وَكُنَّا فَٰعِلِينَ
Ni ukwo rero Twebwe Allah, Turaheza Tumenyesha Sulayimani (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ko yobatunganiriza bompi akaja hagati ku neza y’umwe wese; nyenintungwa agategekwa gusubiriza ivyononywe muri nya murima, hanyuma nyenumurima na we akaba arikora kuri nya ntungwa mu kiringo co kurindira ko nya murima wera; hanyuma nya murima niwamara kwera, umwe wese agaheza agasubirana ivyiwe. Kandi burya Dawudi na Sulayimani, umwe wese muri bo, Twebwe Allah Twamuhaye ububasha bwo gufata ingingo n’ubumenyi. Twaranorohereje Dawudi ku buryo imisozi hamwe n’inyoni vyitabira ininahaza n’itaziramana ryiwe. Ivyo vyose rero Twarabikoze.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَعَلَّمۡنَٰهُ صَنۡعَةَ لَبُوسٖ لَّكُمۡ لِتُحۡصِنَكُم مِّنۢ بَأۡسِكُمۡۖ فَهَلۡ أَنتُمۡ شَٰكِرُونَ
Twebwe Allah, Twahariye Dawudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ubumenyi bwo guhingura mu cuma impuzu zo gukingira umutumba gushikirwa n’imyampi n’imipanga mu gihe c’indwano, ari na bwo mwagumye muhererekana mwebwe abantu mu kwikingira mu ndwano. Ubwo none ntimwoshimira Imana Allah kuri ubwo buhinga Yigishije Umuja wayo Dawudi!
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلِسُلَيۡمَٰنَ ٱلرِّيحَ عَاصِفَةٗ تَجۡرِي بِأَمۡرِهِۦٓ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ٱلَّتِي بَٰرَكۡنَا فِيهَاۚ وَكُنَّا بِكُلِّ شَيۡءٍ عَٰلِمِينَ
Twaranorohereje Sulayimani kwikora ku gihuhusi we hamwe n’abo bari kumwe, kikamwunguruza kw’itegeko ryiwe gushika muri Bayti l-Maqdis mu bihugu vya Shaamu[13], ahantu Twahezagije ivyiza vyinshi no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana (ba nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); kandi burya twebwe Allah, Twamye Tuzi neza ibintu vyose.
[13] Shaamu muri kahise, ni izina ry’akarere kari kagizwe n’ibihugu vya Siriya, Libani, Jordaniya, Palestina, Tabuki na Sinayi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمِنَ ٱلشَّيَٰطِينِ مَن يَغُوصُونَ لَهُۥ وَيَعۡمَلُونَ عَمَلٗا دُونَ ذَٰلِكَۖ وَكُنَّا لَهُمۡ حَٰفِظِينَ
Twarashoboje Sulayimani no kwikora ku mashetani, akagira ayo akoresha muri yo mu bikorwa vyo kwibira mw’ibahari kuropora ubutare n’amabuye y’agaciro, no mu guhingura ivyo yipfuza; kandi nya mashetani nta burenganzira yari afise bwo kwanka ivyo ayategetse, kandi Twebwe Allah Twarayamubungabungiye.
Arabic explanations of the Qur’an:
۞ وَأَيُّوبَ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَسَّنِيَ ٱلضُّرُّ وَأَنتَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru y’Umuja wacu Ayubu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yageragezwa mu vyago vy’indwara z’igihe kirekire, abana bagahwera, amatungo akamuherako, akihanganira ivyo vyose ku bw’Imana Allah, araheza ahamagara Imana yiwe Rurema Allah ayitakambira ati: “Mu vy’ukuri, nakozweko n’ivyago vy’indwara, none rero ndagusavye Mana yanje ubinkureko, kuko Wewe Urangwa n’impuhwe zisumba iz’abagirampuhwe bose”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَٱسۡتَجَبۡنَا لَهُۥ فَكَشَفۡنَا مَا بِهِۦ مِن ضُرّٖۖ وَءَاتَيۡنَٰهُ أَهۡلَهُۥ وَمِثۡلَهُم مَّعَهُمۡ رَحۡمَةٗ مِّنۡ عِندِنَا وَذِكۡرَىٰ لِلۡعَٰبِدِينَ
Ni ho rero Ayubu, Twamwumvira Turaheza Tumukurako nya vyago, Tunamusubiza ivyo yabuze mu bana n’amatungo bigwijijwe na kabiri, ivyo vyose rero Twabigize ku mpuhwe zacu kugira abere akarorero abiyegereza Imana Allah mu kwihanganira igeragezwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِسۡمَٰعِيلَ وَإِدۡرِيسَ وَذَا ٱلۡكِفۡلِۖ كُلّٞ مِّنَ ٱلصَّٰبِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi inkuru ya Ismayili, Idrisa na Dhu l-kifli[14] (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), abo bose barihanganira igamburukiramana n’igeragezwa, bituma bayagwa neza n’ibiremwa;
[14] Umwana wa Ayubu.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَأَدۡخَلۡنَٰهُمۡ فِي رَحۡمَتِنَآۖ إِنَّهُم مِّنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Turaheza Tubinjiza no mu mpuhwe zacu Twebwe Allah, mu vy’ukuri bari mu beranda bagamburukira Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَذَا ٱلنُّونِ إِذ ذَّهَبَ مُغَٰضِبٗا فَظَنَّ أَن لَّن نَّقۡدِرَ عَلَيۡهِ فَنَادَىٰ فِي ٱلظُّلُمَٰتِ أَن لَّآ إِلَٰهَ إِلَّآ أَنتَ سُبۡحَٰنَكَ إِنِّي كُنتُ مِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Ibuka n’inkuru y’uwigeze kumirwa n’ifi amahanga, Yunusu mwene Matta (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Twarungitse ku bantu biwe, maze ntibamwumvira, ico gihe yaratwawe n’agashavu araheza ahunga abo yarungitsweko atekewe n’agahinda ko kutumvirwa, yibwira ko Twebwe Allah Tutobimuhora Tukamushira mu kaga, ni ho yagirwa n’isi atamirwa n’ifi amahanga, araheza ahamagara ari mu mwijima w’amoko atatu[15], atakamba yigaya ku kutaguma mu bantu yarungitsweko, avuga ati: “Nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Wewe gusa Mana; ininahazwa ni iryawe, mu vy’ukuri nari mu birenganije”.
[15] Umwijima wo mw’ijoro, umwijima wo mw’ibahari n’umwijima wo mu nda y’ifi.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَٱسۡتَجَبۡنَا لَهُۥ وَنَجَّيۡنَٰهُ مِنَ ٱلۡغَمِّۚ وَكَذَٰلِكَ نُـۨجِي ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ni ho rero Twumvira Yunusu mwene Matta, Turaheza Tumukura muri nya kaga, ni nk’ukwo nyene rero Dukura mu kaga abemeramana vy’ukuri.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَزَكَرِيَّآ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥ رَبِّ لَا تَذَرۡنِي فَرۡدٗا وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلۡوَٰرِثِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Zakariya (nyakugira amahoro y’Imana Allah), igihe yahamagara Imana yiwe Rurema Allah, ayitakambira ko Yomuronsa umwana inyuma y’aho agereye mu za bukuru, avuga ati: “Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ntungire ingumba ngo nzopfe ata kibondo nsize, ndagusavye rero ko Wondonsa umwana w’umuhungu yombera samuragwa mu guhagararira bikwiye idini ryawe ninamara gupfa, burya ni Wewe Umwiza wa ba samuragwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَٱسۡتَجَبۡنَا لَهُۥ وَوَهَبۡنَا لَهُۥ يَحۡيَىٰ وَأَصۡلَحۡنَا لَهُۥ زَوۡجَهُۥٓۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ يُسَٰرِعُونَ فِي ٱلۡخَيۡرَٰتِ وَيَدۡعُونَنَا رَغَبٗا وَرَهَبٗاۖ وَكَانُواْ لَنَا خَٰشِعِينَ
Ni ho Zakariya Twamwumvira Turaheza Tumuronsa umwana yitwa Yah-ya, umukenyezi wiwe na we Twaramushoboje gusama imbanyi inyuma y’aho yari ingumba ageze no mu za bukuru. Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, abo bose Tukudondaguriye barahurumbira ivyiza, bakanadusaba barajwe ishinga no kuronka inema zacu, batinya n’ibihano vyacu, baranicisha bugufi kuri Twebwe Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱلَّتِيٓ أَحۡصَنَتۡ فَرۡجَهَا فَنَفَخۡنَا فِيهَا مِن رُّوحِنَا وَجَعَلۡنَٰهَا وَٱبۡنَهَآ ءَايَةٗ لِّلۡعَٰلَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Mariyamu umukobwa wa Amraani, yabungabunze ubwambure bwiwe, Turaheza Tumurungikira umumalayika Jibrili amuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho” iturutse iwacu, aca arasama imbanyi ya Isa ata mugabo babonanye. Mariyamu n’umwana wiwe Isa rero, Twabagize ikimenyetso cereka ibiremwa vyose ubushobozi n'ububasha vyacu Twebwe Allah gushika ku musi w’umuhero w’isi.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ هَٰذِهِۦٓ أُمَّتُكُمۡ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ وَأَنَا۠ رَبُّكُمۡ فَٱعۡبُدُونِ
Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri, idini ry’aba Bavugishwamana Tudondaguye, ari na ryo dini ryanyu, ni idini rimwe ry’ubwislamu; ryo kwicisha bugufi no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni na Jewe rero Imana yanyu Rurema Allah, enda nyabuna rero, nimunyiyegereze mu vyo mukora vyose munansenge mutambangikanya.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَتَقَطَّعُوٓاْ أَمۡرَهُم بَيۡنَهُمۡۖ كُلٌّ إِلَيۡنَا رَٰجِعُونَ
Ariko rero abantu ni bo bahavuye bicamwo imigwi ha gukurikira idini rimwe, gutyo basenga ibigirwamana batwawe n’ivyipfuzo vyabo. Iyo migwi yose rero, impera n’imperuka izogaruka iwacu Twebwe Allah, kugira iharurirwe iheze ihemberwe ivyo yakoze.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَمَن يَعۡمَلۡ مِنَ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَلَا كُفۡرَانَ لِسَعۡيِهِۦ وَإِنَّا لَهُۥ كَٰتِبُونَ
Uwuzokora ivyiza bitegetswe rero, akaba yemera n’Imana Allah hamwe n’Intumwa zayo, ibikorwa vyiwe ntibizoba impfagusa namba, Tuzobimuhembera; mu vy’ukuri n’ivyo yakoze vyose, Tuzovyandika mu gitabu ciwe azokwisomera ku musi w’izuka.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَحَرَٰمٌ عَلَىٰ قَرۡيَةٍ أَهۡلَكۡنَٰهَآ أَنَّهُمۡ لَا يَرۡجِعُونَ
Ntibizokwigera bishika ku bantu bo mu gacimbiri Twahoneje ku kwirenganya kwabo mu kugarariza, ko bagaruka kandi kw’isi kugira ngo bigaye bongere bakore ivyo birengagije imbere yuko umuhero w’isi ushika.
Arabic explanations of the Qur’an:
حَتَّىٰٓ إِذَا فُتِحَتۡ يَأۡجُوجُ وَمَأۡجُوجُ وَهُم مِّن كُلِّ حَدَبٖ يَنسِلُونَ
Igihe habonetse ibimenyetso bihambaye vy’umuhero w’isi, hagasenyurwa uruzitiro-ntamenwa rw’ahabohewe Ya-juuju na Ma-juuju, maze Ya-juuju na Ma-juuju bagashunguruka imisozi bashwiragira mu mpande zose z’isi;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَٱقۡتَرَبَ ٱلۡوَعۡدُ ٱلۡحَقُّ فَإِذَا هِيَ شَٰخِصَةٌ أَبۡصَٰرُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يَٰوَيۡلَنَا قَدۡ كُنَّا فِي غَفۡلَةٖ مِّنۡ هَٰذَا بَلۡ كُنَّا ظَٰلِمِينَ
Isezerano ry’isango ry’ukuri ry’umuhero w’isi rizoba ryegereje, aho abagarariji bazoturumbura amaso kubera intureka z’uwo musi, bazokwisabira guhona bavuga bati: “Amagorwa arama yemwe! Ni ukuri, twari twagoswe mu kutibuka intureka z’uno musi ngo tuwitegurire, ahubwo mbere twarirenganije koko”.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّكُمۡ وَمَا تَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ حَصَبُ جَهَنَّمَ أَنتُمۡ لَهَا وَٰرِدُونَ
Bagarariji! Mu vy’ukuri, mwebwe hamwe n’ibigirwamana vy’ubwoko bwose[16] mwasenga mu gishingo c’Imana Allah, ni ibicanirizo vy’umuriro wa Jahannamu, mwebwe mwese rero mutegerezwa kuwinjira;
[16] Ibigirwamana vy'ubwoko bwose, ni ico cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah. Abasenga abamalayika canke Intumwa nka Uzayru na Isa mwene Mariyamu, abo bazohanwa bonyene gusa kuko basengwa batabinezererewe.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَوۡ كَانَ هَٰٓؤُلَآءِ ءَالِهَةٗ مَّا وَرَدُوهَاۖ وَكُلّٞ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Iyo ibigirwamana mwasenze mu gishingo c’Imana Allah biba bikwiye gusengwa vy’ukuri, ntivyari kwinjirana na mwe mu muriro wa Jahannamu. Ibigirwamana hamwe n’ababisenze rero, bazoguma muri nya muriro ibihe bidahera;
Arabic explanations of the Qur’an:
لَهُمۡ فِيهَا زَفِيرٞ وَهُمۡ فِيهَا لَا يَسۡمَعُونَ
Bari mu bihano bikaze bituma bahezagurika urutavanako; muri nya muriro, nta n’uwuzokwumva muri bo bivuye ku ntureka z’ibihano biriyo.
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ ٱلَّذِينَ سَبَقَتۡ لَهُم مِّنَّا ٱلۡحُسۡنَىٰٓ أُوْلَٰٓئِكَ عَنۡهَا مُبۡعَدُونَ
Mu vy’ukuri, abo Twamaze kumenya ko bafise amahirwe yo kwinjira mu Bwami bw’ijuru, abo ni bo rero bazokwigizwa kure y’umuriro wa Jahannamu;
Arabic explanations of the Qur’an:
لَا يَسۡمَعُونَ حَسِيسَهَاۖ وَهُمۡ فِي مَا ٱشۡتَهَتۡ أَنفُسُهُمۡ خَٰلِدُونَ
Ntibazokwumva n’ihinda rya nya muriro hamwe n’ituragurika ry’imibiri y’abawurimwo, bazoba bari mu nema zo mu Bwami bw’ijuru bamye bashashaye, bazobayo ibihe bidahera;
Arabic explanations of the Qur’an:
لَا يَحۡزُنُهُمُ ٱلۡفَزَعُ ٱلۡأَكۡبَرُ وَتَتَلَقَّىٰهُمُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ هَٰذَا يَوۡمُكُمُ ٱلَّذِي كُنتُمۡ تُوعَدُونَ
Intureka zihambaye z’uwo musi ntizizobatera ubwoba namba, bazokwakirwa n’abamalayika babakeza bati: “Uwu ni wo musi wanyu mwasezeraniwe ko muzohemberwa ivyo mwakoze”;
Arabic explanations of the Qur’an:
يَوۡمَ نَطۡوِي ٱلسَّمَآءَ كَطَيِّ ٱلسِّجِلِّ لِلۡكُتُبِۚ كَمَا بَدَأۡنَآ أَوَّلَ خَلۡقٖ نُّعِيدُهُۥۚ وَعۡدًا عَلَيۡنَآۚ إِنَّا كُنَّا فَٰعِلِينَ
Umusi Twebwe Allah, Twazingazinze ijuru nka kurya urupapuro rw’igitabu ruzingwazingwa, Tugaheza Tukazura ibiremwa vyambaye ubusa nka kurya Twabiremye nambere bikivuka. Iryo ni isezerano ryacu Twebwe Allah, ritegerezwa gushika ata gisivya; mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twamye Dushitsa ivyo Dusezeranye.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَلَقَدۡ كَتَبۡنَا فِي ٱلزَّبُورِ مِنۢ بَعۡدِ ٱلذِّكۡرِ أَنَّ ٱلۡأَرۡضَ يَرِثُهَا عِبَادِيَ ٱلصَّٰلِحُونَ
Ni ukuri, Twaranditse mu Bitabu vyamanuwe mu nyuma y’ivyanditswe mu Gitabu kibungabunzwe (Lawhu Mahfuudhw), ko isi bitebe bitebuke abazoyitorana ari abaja banje beranda mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّ فِي هَٰذَا لَبَلَٰغٗا لِّقَوۡمٍ عَٰبِدِينَ
Burya mu vy’ukuri, muri izi nkuru musomewe, ni ukuri harimwo inkebuzo ikwiye ku bantu bicisha bugufi koko.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ إِلَّا رَحۡمَةٗ لِّلۡعَٰلَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Ntitwakurungitse atari ukugira ubere impuhwe amajini n’abantu bose, gutyo hagire amahirwe uwukwemeye, hahombe uwuguhakanye.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ إِنَّمَا يُوحَىٰٓ إِلَيَّ أَنَّمَآ إِلَٰهُكُمۡ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞۖ فَهَلۡ أَنتُم مُّسۡلِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ni ukuri ivyo nahishuriwe, ni uko vy’ukuri Imana yanyu Ikwiye gusengwa ari Imana Imwe Rudende Allah, nimwicishe bugufi rero kuri Yo mube abislamu, muheze muyisenge mutayibangikanya”.
Arabic explanations of the Qur’an:
فَإِن تَوَلَّوۡاْ فَقُلۡ ءَاذَنتُكُمۡ عَلَىٰ سَوَآءٖۖ وَإِنۡ أَدۡرِيٓ أَقَرِيبٌ أَم بَعِيدٞ مَّا تُوعَدُونَ
Nibagenza umugongo bakirengagiza kuba abislamu, uraheza ubabwire uti: “Ndabararikira mwese gukurikira ivyo nahishuriwe, burya jewe na mwe turi co kimwe mu bumenyi bw’ivyo ndabagabishako, nanje sinzi rero ibihano mugabishwako aho bizoshikira, ko vyoba biri hafi gushika canke biri kure!
Arabic explanations of the Qur’an:
إِنَّهُۥ يَعۡلَمُ ٱلۡجَهۡرَ مِنَ ٱلۡقَوۡلِ وَيَعۡلَمُ مَا تَكۡتُمُونَ
Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi neza amajambo mugaragaza n’ayo muhisha mu mitima yanyu, Izoyabahembera;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِنۡ أَدۡرِي لَعَلَّهُۥ فِتۡنَةٞ لَّكُمۡ وَمَتَٰعٌ إِلَىٰ حِينٖ
Vyongeye, sinzi rero kumbure ko itenyenya ku bihano mwihutira gusaba ko vyoshika, harimwo igeragezwa kuri mwebwe kugira muryoherwe gato mu buzima bwo kw’isi, maze mubandanye mugarariza, gutyo muzohabwe ibihano ruhasha".
Arabic explanations of the Qur’an:
قَٰلَ رَبِّ ٱحۡكُم بِٱلۡحَقِّۗ وَرَبُّنَا ٱلرَّحۡمَٰنُ ٱلۡمُسۡتَعَانُ عَلَىٰ مَا تَصِفُونَ
Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ducire urw’ukuri twebwe n’abaduhakana. Dusaba rero Imana yacu Rurema Nyenimpuhwe Allah, Yo Yifashishwa mu kwihanganira ivyo muvuga mudutega imisi mw’irementanya n’igarariza”.
Arabic explanations of the Qur’an:
 
Translation of the meanings Surah: Al-Anbiyā’
Surahs’ Index Page Number
 
Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية - Translations’ Index

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

close