Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Translations’ Index

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Translation of the meanings Ayah: (14) Surah: Saba’
فَلَمَّا قَضَيۡنَا عَلَيۡهِ ٱلۡمَوۡتَ مَا دَلَّهُمۡ عَلَىٰ مَوۡتِهِۦٓ إِلَّا دَآبَّةُ ٱلۡأَرۡضِ تَأۡكُلُ مِنسَأَتَهُۥۖ فَلَمَّا خَرَّ تَبَيَّنَتِ ٱلۡجِنُّ أَن لَّوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ ٱلۡغَيۡبَ مَا لَبِثُواْ فِي ٱلۡعَذَابِ ٱلۡمُهِينِ
Igihe rero Twebwe Allah Twiciye Sulayimani, nta camenyesheje Amajini ko yapfuye, kiretse umuswa wariye inkoni yari yishimikije aca arahenuka. Sulayimani amaze kugwa hasi, ni ho rero ya Majini yatahura ko iyo aba azi ibinyegejwe ibiremwa, atari kuguma mu bihano vyo gukoreshwa na Sulayimani ku kwibwira ko akiri muzima kandi yapfuye kera[4].
[4] Iyi Aayah, iremeza ko Amajini atazi na kimwe mu binyegejwe ibiremwa “ILMU L-GHAYB”, kuko iyo Amajini aba azi ibinyegejwe ibiremwa, Amajini yakoreshwa na Sulayimani aba yaramenye ubwayo urupfu rwa Sulayimani, agaheza akareka kuguma mu bikorwa, yibaza ko Sulayimani aho yari ahagaze yishimikije inkoni, ayabona kandi yari yapfuye kera.
Arabic explanations of the Qur’an:
 
Translation of the meanings Ayah: (14) Surah: Saba’
Surahs’ Index Page Number
 
Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية - Translations’ Index

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

close