Check out the new design

Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - Kirundi translation - Yusuf Gheti * - Translations’ Index

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Translation of the meanings Surah: Al-Mā’idah   Ayah:
وَإِذَا نَادَيۡتُمۡ إِلَى ٱلصَّلَوٰةِ ٱتَّخَذُوهَا هُزُوٗا وَلَعِبٗاۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ قَوۡمٞ لَّا يَعۡقِلُونَ
Iyo murarikiye abantu kuja gusenga, baranebagura iryo rarika bakarigira itebura n’umufyino, bitewe n’uko ari abantu badatahura ukuri kw’ukwiyegereza Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ يَٰٓأَهۡلَ ٱلۡكِتَٰبِ هَلۡ تَنقِمُونَ مِنَّآ إِلَّآ أَنۡ ءَامَنَّا بِٱللَّهِ وَمَآ أُنزِلَ إِلَيۡنَا وَمَآ أُنزِلَ مِن قَبۡلُ وَأَنَّ أَكۡثَرَكُمۡ فَٰسِقُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira abatebura kw’irarikira ryo kuja gusenga uti: “Emwe bahawe Igitabu! Mbega burya hari ico mutunebagurako kiretse kuba twemera Imana Allah, tukemera n’Ibitabu Yatumanuriye n’ivyo Yamanuriye abo hambere yacu, n’uko twemera ko abenshi muri mwebwe ari ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah!”.
Arabic explanations of the Qur’an:
قُلۡ هَلۡ أُنَبِّئُكُم بِشَرّٖ مِّن ذَٰلِكَ مَثُوبَةً عِندَ ٱللَّهِۚ مَن لَّعَنَهُ ٱللَّهُ وَغَضِبَ عَلَيۡهِ وَجَعَلَ مِنۡهُمُ ٱلۡقِرَدَةَ وَٱلۡخَنَازِيرَ وَعَبَدَ ٱلطَّٰغُوتَۚ أُوْلَٰٓئِكَ شَرّٞ مَّكَانٗا وَأَضَلُّ عَن سَوَآءِ ٱلسَّبِيلِ
Muvugishwamana! Bwira abemeramana uti: “Mbega ndababwire uwuzoronka indishi mbi cane ku Mana Allah, isumba iy’ivyo bigaba ku musi w’izuka! Ni barya bakomoka ku bo Imana Allah Yavumye, Ikabashavurira, Ikanahindura bamwe muri bo inkende n’ingurube, hamwe rero n’abasenga ibigirwamana vyo mu bwoko ubwo ari bwo bwose[17]. Abo ni bo bantu rero bafise uburuhukiro bubi cane, banahuvye cane n’inzira y’ukuri”.
[17] Ibigirwamana vyo mu bwoko ubwo ari bwo bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذَا جَآءُوكُمۡ قَالُوٓاْ ءَامَنَّا وَقَد دَّخَلُواْ بِٱلۡكُفۡرِ وَهُمۡ قَدۡ خَرَجُواْ بِهِۦۚ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا كَانُواْ يَكۡتُمُونَ
Bemeramana! Iyo indyarya mu bayahudi zije zibagana, zibabwira mu bwiyorobetsi ziti: “Twaremeye”, kandi zikiri mu bugarariji. Ni ukuri zinjirana ubugarariji aho muri, hanyuma zigasohoka uko zaje. Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo zihishije mu mushaha n’aho zibiyorobekako.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَتَرَىٰ كَثِيرٗا مِّنۡهُمۡ يُسَٰرِعُونَ فِي ٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡعُدۡوَٰنِ وَأَكۡلِهِمُ ٱلسُّحۡتَۚ لَبِئۡسَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Ntumwa y’Imana! Uzobona benshi mu bayahudi bihutira gukora ivyaha vyo kubesha, kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah hamwe rero no kwihereza ku karenganyo amatungo y’abantu badafiseko uburenganzira. Ni ukuri, ni bibi cane ivyo bakora ku karenganyo.
Arabic explanations of the Qur’an:
لَوۡلَا يَنۡهَىٰهُمُ ٱلرَّبَّٰنِيُّونَ وَٱلۡأَحۡبَارُ عَن قَوۡلِهِمُ ٱلۡإِثۡمَ وَأَكۡلِهِمُ ٱلسُّحۡتَۚ لَبِئۡسَ مَا كَانُواْ يَصۡنَعُونَ
Ubwo none, abasenzi hamwe n’abamenyi babo, ntibobabuza kuvuga ikinyoma, kwihereza ku karenganyo amatungo y’abantu badafiseko uburenganzira, no kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah! Ni ukuri, ni bibi cane ibintu bakora ata camira muri bo.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَقَالَتِ ٱلۡيَهُودُ يَدُ ٱللَّهِ مَغۡلُولَةٌۚ غُلَّتۡ أَيۡدِيهِمۡ وَلُعِنُواْ بِمَا قَالُواْۘ بَلۡ يَدَاهُ مَبۡسُوطَتَانِ يُنفِقُ كَيۡفَ يَشَآءُۚ وَلَيَزِيدَنَّ كَثِيرٗا مِّنۡهُم مَّآ أُنزِلَ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَ طُغۡيَٰنٗا وَكُفۡرٗاۚ وَأَلۡقَيۡنَا بَيۡنَهُمُ ٱلۡعَدَٰوَةَ وَٱلۡبَغۡضَآءَ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ كُلَّمَآ أَوۡقَدُواْ نَارٗا لِّلۡحَرۡبِ أَطۡفَأَهَا ٱللَّهُۚ وَيَسۡعَوۡنَ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَسَادٗاۚ وَٱللَّهُ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Abayahudi igihe baterwa n’inzara, bavuze bati: “Ukuboko kw’Imana Allah nta co kwikura”. Baragapfa ata co bikuye mu gukora ivyiza! Baranavumwe bitewe n’ivyo bavuze. Imana Allah rero ntiri nk’ukwo bavuze, ahubwo nyabuna amaboko yayo ararekura mu gutanga ijoro n’umurango[18], Itanga uko Ishatse ku neza y’ibiremwa. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri ukwihambaza no kugarariza bizokwiyongera kuri benshi muri bo, bitewe n’ishari n’inzigo bagufitiye ku kuba wahawe ubutumwa n’Imana yawe Rurema Allah. Twarateye urwanko n’inzigo vyamaho hagati y’imigwi y’abayahudi gushika ku musi w’umuhero w’isi. Igihe cose rero bazokwatsa umuriro wo gutera indwano mu bislamu, Imana Allah Izowuzimya mu kubacanishamwo, kandi ntibazokwigera bareka kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, buturutse ku vyo bakora. Burya Imana Allah ntikunda na gato abononyi.
[18] Iyi Aayah, iremeza ko Imana Allah Ifise amaboko mu buryo bukwiranye n’icubahiro cayo, ata kuyagereranya n’ay’ibiremwa mu kuntu aremye.
Arabic explanations of the Qur’an:
 
Translation of the meanings Surah: Al-Mā’idah
Surahs’ Index Page Number
 
Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - Kirundi translation - Yusuf Gheti - Translations’ Index

Translated by Yusuf Gheti - Issued by African Development Foundation

close