Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Translations’ Index

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Translation of the meanings Surah: At-Tahrīm   Ayah:

SURATU TTAHRIIM

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ لِمَ تُحَرِّمُ مَآ أَحَلَّ ٱللَّهُ لَكَۖ تَبۡتَغِي مَرۡضَاتَ أَزۡوَٰجِكَۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Ewe Muvugishwamana! Ni kuki uziririza gufungura ivyo Imana Allah Yakurekuriye, urondera gushimisha abakenyezi bawe? Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimpuhwe ku batoni bayo.
Arabic explanations of the Qur’an:
قَدۡ فَرَضَ ٱللَّهُ لَكُمۡ تَحِلَّةَ أَيۡمَٰنِكُمۡۚ وَٱللَّهُ مَوۡلَىٰكُمۡۖ وَهُوَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡحَكِيمُ
Mu vy’ukuri Imana Allah, Yarabategetse kugira icuhagizo mu kuzirura ivyo mwarahiriye[1]. Imana Allah, ni Yo Muhagarikizi wanyu Nkinzoyabatoni, ni na Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.
[1] Ico cuhagizo rero co kuzirura ivyo umuntu yaziririje mu kurahira, ni ugufungurira abakene cumi, canke kubambika, canke guha ubwigenge umugurano. Uwudashoboye kugira kimwe muri vyo, araheza agapfunga imisi itatu.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَإِذۡ أَسَرَّ ٱلنَّبِيُّ إِلَىٰ بَعۡضِ أَزۡوَٰجِهِۦ حَدِيثٗا فَلَمَّا نَبَّأَتۡ بِهِۦ وَأَظۡهَرَهُ ٱللَّهُ عَلَيۡهِ عَرَّفَ بَعۡضَهُۥ وَأَعۡرَضَ عَنۢ بَعۡضٖۖ فَلَمَّا نَبَّأَهَا بِهِۦ قَالَتۡ مَنۡ أَنۢبَأَكَ هَٰذَاۖ قَالَ نَبَّأَنِيَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡخَبِيرُ
Ibuka n’igihe Umuvugishwamana[2] yongorera umukenyezi wiwe Hafswa umukobwa wa Omari (Imana Allah Imwishimire) ko atagisubira gufungura ubuki, uyo mukenyezi amaze kumenyesha iyo nkuru Aisha umukobwa wa Abu Bakri (Imana Allah Imwishimire), Imana Allah na Yo Ikamenyesha Umuvugishwamana ko nya nkuru yamenyekanye, wa Muvugishwamana yaciye ahishuka umukenyezi wiwe Hafswa umukobwa wa Omari (Imana Allah Imwishimire) bimwe mu vyo yaseruye, araheza yirengagiza ibindi. Amaze kubimwiganira rero ido n’ido, wa mukenyezi yaramubajije ati: “Ni nde yabikubwiye?!”. Na we amwishura ati: “Nabibwiwe n’Imana Allah Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose”.
[2] Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
Arabic explanations of the Qur’an:
إِن تَتُوبَآ إِلَى ٱللَّهِ فَقَدۡ صَغَتۡ قُلُوبُكُمَاۖ وَإِن تَظَٰهَرَا عَلَيۡهِ فَإِنَّ ٱللَّهَ هُوَ مَوۡلَىٰهُ وَجِبۡرِيلُ وَصَٰلِحُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَۖ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ بَعۡدَ ذَٰلِكَ ظَهِيرٌ
Ewe Hafswa na Aisha! Nimwigaya ku Mana Allah, imishaha yanyu izoba yahisemwo gusaba imbabazi. Nimwateranira Umuvugishwamana, mugafashanya gukora ibimushavuza naho; ni ukuri Imana Allah, ni Yo Mutabazi wiwe, n’umumalayika Jibrili, hamwe n’aberanda mu bemeramana. Vyongeye, n’abamalayika bose inyuma y’aho bazomurwanako.
Arabic explanations of the Qur’an:
عَسَىٰ رَبُّهُۥٓ إِن طَلَّقَكُنَّ أَن يُبۡدِلَهُۥٓ أَزۡوَٰجًا خَيۡرٗا مِّنكُنَّ مُسۡلِمَٰتٖ مُّؤۡمِنَٰتٖ قَٰنِتَٰتٖ تَٰٓئِبَٰتٍ عَٰبِدَٰتٖ سَٰٓئِحَٰتٖ ثَيِّبَٰتٖ وَأَبۡكَارٗا
Kumbure niyahukana na mwe, Imana yiwe Rurema Allah Izomushingira abandi bakenyezi b’intore kubasumba, abislamukazi bicisha bugufi, abemeramanakazi bagamburuka, bigaya ivyaha iyo bacumuye, biyegereza cane ku Mana Allah, bipfunga, abagore n’inkumi zikiri amasugi.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ قُوٓاْ أَنفُسَكُمۡ وَأَهۡلِيكُمۡ نَارٗا وَقُودُهَا ٱلنَّاسُ وَٱلۡحِجَارَةُ عَلَيۡهَا مَلَٰٓئِكَةٌ غِلَاظٞ شِدَادٞ لَّا يَعۡصُونَ ٱللَّهَ مَآ أَمَرَهُمۡ وَيَفۡعَلُونَ مَا يُؤۡمَرُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwikingire, mwebwe n’imiryango yanyu, umuriro udahera; ivyegenyezo vyawo, ni abantu n’amabuye. Uwo muriro, ucungerewe n’abamalayika b’ibihangange badahesha, ntibigera baca kubiri n’itegeko bahawe n’Imana Allah, kandi bashira mu ngiro ivyo bategetswe.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَا تَعۡتَذِرُواْ ٱلۡيَوۡمَۖ إِنَّمَا تُجۡزَوۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Abagararije mu guhakana ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bazohamagarwa igihe co kwinjizwa mu muriro udahera bati: “Emwe bahakanye! Ntimugire ico mwireguza kuri uno musi; mu vy’ukuri, murihwa ku vyo mwari mwarakoze kw’isi”.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ تُوبُوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ تَوۡبَةٗ نَّصُوحًا عَسَىٰ رَبُّكُمۡ أَن يُكَفِّرَ عَنكُمۡ سَيِّـَٔاتِكُمۡ وَيُدۡخِلَكُمۡ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ يَوۡمَ لَا يُخۡزِي ٱللَّهُ ٱلنَّبِيَّ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَعَهُۥۖ نُورُهُمۡ يَسۡعَىٰ بَيۡنَ أَيۡدِيهِمۡ وَبِأَيۡمَٰنِهِمۡ يَقُولُونَ رَبَّنَآ أَتۡمِمۡ لَنَا نُورَنَا وَٱغۡفِرۡ لَنَآۖ إِنَّكَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwigaye nya kwigaya ku Mana Allah, kumbure Imana yanyu Rurema Allah Yobahanagurira ibicumuro vyanyu, Ikazonabinjiza no mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyaho hatemba inzuzi, ku musi Imana Allah Itazotetereza Umuvugishwamana n’abemeramana bari kumwe na we, umuco w’ukwemera kwabo uzobarongora imbere yabo n’iburyo bwabo, mu gihe co kurengana ku kiraro gitambitswe hejuru y’umuriro "Swiraatwu" bagana mu Bwami bw’ijuru, bazoba bariko baravuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dukwirize umuco wacu, ukomeze gushika mu Bwami bw’ijuru, Utugumirize akabanga ku vyaha vyacu ntubiduhanire. Mu vy’ukuri Wewe, uri Mushoboravyose”.
Arabic explanations of the Qur’an:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ جَٰهِدِ ٱلۡكُفَّارَ وَٱلۡمُنَٰفِقِينَ وَٱغۡلُظۡ عَلَيۡهِمۡۚ وَمَأۡوَىٰهُمۡ جَهَنَّمُۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ
Ewe Muvugishwamana! Hangana n’abahakanyi bakurwanya ukoresheje inguvu, uheze ukoreshe ingingo n’amabwirizwa y’Imana Allah mu guhangana n’indyarya, kandi ukarire iyo migwi yompi. Ubushikiro bwabo, ni mu muriro wa Jahannamu. Iryo, ni ryo herezo ribi.
Arabic explanations of the Qur’an:
ضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ ٱمۡرَأَتَ نُوحٖ وَٱمۡرَأَتَ لُوطٖۖ كَانَتَا تَحۡتَ عَبۡدَيۡنِ مِنۡ عِبَادِنَا صَٰلِحَيۡنِ فَخَانَتَاهُمَا فَلَمۡ يُغۡنِيَا عَنۡهُمَا مِنَ ٱللَّهِ شَيۡـٔٗا وَقِيلَ ٱدۡخُلَا ٱلنَّارَ مَعَ ٱلدَّٰخِلِينَ
Imana Allah Yarahaye abahakanye, akarorero k’umugore w’Intumwa y’Imana Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), n’ak’umugore w’Intumwa y’Imana Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah). Bari abakenyezi b’abaja babiri mu baja bacu beranda[3], maze barabahemukira mu kwemera, baraheza baragarariza. Nta n’ico babamariye ngo babakize ibihano vy’Imana Allah. Bazoheza rero babwirwe ku musi w’izuka bati: “Nimwinjire hamwe n’abinjira mu muriro udahera”.
[3] Aka karorero, karerekana ko kugira ico mupfana n’Intumwa canke aberanda, ata co vyokumarira mu gihe woba urangwa n’ibikorwa bibi.
Arabic explanations of the Qur’an:
وَضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا لِّلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱمۡرَأَتَ فِرۡعَوۡنَ إِذۡ قَالَتۡ رَبِّ ٱبۡنِ لِي عِندَكَ بَيۡتٗا فِي ٱلۡجَنَّةِ وَنَجِّنِي مِن فِرۡعَوۡنَ وَعَمَلِهِۦ وَنَجِّنِي مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Imana Allah Yarahaye kandi abemeramana, akarorero k’umukenyezi w’umwemeramanakazi, umupfasoni wa Firawuni, igihe yavuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nyubakira inzu iwawe mu Bwami bw’ijuru, maze Unkize, Unkure mu minwe ya Firawuni n’ibikorwa vyiwe bibi, Wongere Unkize abantu birenganije mu kurenga ku mabwirizwa yawe”;
Arabic explanations of the Qur’an:
وَمَرۡيَمَ ٱبۡنَتَ عِمۡرَٰنَ ٱلَّتِيٓ أَحۡصَنَتۡ فَرۡجَهَا فَنَفَخۡنَا فِيهِ مِن رُّوحِنَا وَصَدَّقَتۡ بِكَلِمَٰتِ رَبِّهَا وَكُتُبِهِۦ وَكَانَتۡ مِنَ ٱلۡقَٰنِتِينَ
Imana Allah Irongera Igaha abemeramana, akarorero ka Mariyamu umukobwa wa Imraani, yabungabunze ubwambure bwiwe, maze Tumuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho” ivuye iwacu Twebwe Allah, gutyo asama imbanyi y’Intumwa y’Imana Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), aranemera amabwirizwa y’Imana yiwe Rurema Allah hamwe n’Ibitabu vyayo. Yari no mu bagamburukira cane Imana Allah.
Arabic explanations of the Qur’an:
 
Translation of the meanings Surah: At-Tahrīm
Surahs’ Index Page Number
 
Translation of the Meanings of the Noble Qur'an - الترجمة الكيروندية - Translations’ Index

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

close