Uwushobojwe n'Imana Allah akarongoka mu kuri rero, uyo ni we mugororotsi vy’ukuri; nayo uwubaye intumva, maze Imana Allah Ikamureka agahuba inzira y’ukuri, uyo ari mu bantu utazokwigera uronkera n’umwe mu bahagarikizi hatarimwo Imana Allah, yobarongora ku kuri. Tuzoheza rero Twebwe Allah, Twegeranye abahuvye ku musi w’izuka bagenza amaso, batabona, batavuga, batumva. Ubushikiro bwabo, ni mu muriro wa Jahannamu; uko nya muriro ucureshe, ni ko Tuzowegenyeza ukarushirizaho kururumba.
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa ibitangaro icenda bigaragara, vyemeza ukuri kw’ubutumwa bwiwe[363]. Ntumwa y’Imana! Urabaza Bene Israyeli ingene vyagenze igihe Musa yabazanira nya bitangaro bigaragara, maze Firawuni akamubwira ati: “Jewe mu vy’ukuri, nibaza ko wewe Musa warozwe, ugakeherwa n’ubwenge!”.
[363] Ivyo bitangaro bikaba vyari ibi bikurikira: ihinduka ry’inkoni ikaba inzoka amahanga, gusayangana kw’ikiganza mu gihe agikuye mu kwaha, itera ry’amapfa, ikeha ry’umwimbu w’ivyamwa, itera ry’imyuzurire y’amazi, itera ry’inzige, itera ry’udukoko turya ico ari co cose duhuye na co, itera ry’ibikere bikwiragiye hose n’ihinduka ry’ibinyobwa bigacika amaraso.
Musa yishuye Firawuni ati: “Ni ukuri, urazi neza ko ata wundi yamanuye ibi bitangaro icenda bigaragara atari Imana Allah, Rurema w’amajuru n’isi; Yamanuye nya bitangaro, kugira bibe ivyemezo vyotuma abanyabwenge bemera ko Imana Allah ari Yo Yaremye; n'uko ari Yo Ikwiye no gusengwa ari Imwe Rudende. Kandi rero nanje mu vy’ukuri, ndizeye ata gukekeranya ko wewe Firawuni wavumwe, utegerezwa guhona”.
Ni ho rero Firawuni yatwarwa n’agashavu, aca ashaka kurondera gutera ubwoba Musa hamwe na Bene Israyeli, ko yobomora mu gihugu ca Misiri, maze Twebwe Allah Duca Turamusomesha nturi mw’ibahari, we hamwe n’ingabo ziwe zose.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Résultats de la recherche:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".