Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza ku bijanye n’indwano, ko irekuwe mu kwezi gutagatifu! Bishure uti: “Kurwana mu kwezi gutagatifu ni icaha gikomeye, ariko kuburagiza abantu kwinjira mw’idini ry’Imana Allah, guhakana Imana Allah, kubuza abantu kwinjira mu musigiti mutagatifu w’i Makka no kwomora mu gisagara c’i Makka Intumwa n’abemeramana, ni co caha gikomeye cane ku Mana Allah, gusumba icaha co kurwana mu kwezi gutagatifu. Kandi burya ibangikanyamana ryanyu, ni ribi cane kurusha kwica mu kwezi gutagatifu. Kandi rero abagarariji ntibazoreka kubarwanya gushika babakuye mw’idini ryanyu ry’ubwislamu mukabakurikira, nibaba bazobishobora! Uwo wese muri mwebwe rero, azota idini ryiwe akabakurikira, maze agapfa akiri umugarariji, uyo ari mu bantu ibikorwa vyabo bizohunguruka bikababera impfagusa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo ni na bo bantu rero bo mu muriro, bobo bazowubamwo ibihe bidahera.
Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, abimutse bagata izabo, hamwe rero n’abitanga mu guharanira idini ry’Imana Allah, abo ni bo rero baziga kuronka impuhwe n’indishi z’Imana Allah. Burya Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Muvugishwamana! Abislamu barakubaza ingingo ijanye no kunywa, kugura no kugurisha inzoga[37], hamwe rero n’ingingo ijanye no gukina urusimbi[38]! Bishure uti: “Vyompi birimwo ivyaha n’ubwononyi bikomeye mw’idini, mw’isesagurwa ry’amatungo n’isinzikazwa ry’amagara mu buzima. Harimwo n’inyungu rero ku bantu mu vy’isi, ariko ivyaha n’ubwononyi birimwo, bifise ingaruka mbi cane kurusha inyungu zavyo[39]”. Baranakubaza kandi urugero rw’ivyo botanga mu mperezwa ku bushake! Bishure uti: “Nimutange ikirenze ku vyo mukeneye”. Ni nk’ukwo rero, Imana Allah Ibatomorera Aayah n’ingingo zayo kugira ngo mwiyumvire muheze mutahure icobagirira akamaro;
[37] Inzoga, ni ikintu ico ari co cose kiborera, caba ari ikinyobwa, icokurya canke ico kwimotereza. [38] Urusimbi, ni ugukinira kuronka canke gutanga amahera hakoreshejwe urwenge. [39] Iyi Aayah yamanutse ubwa mbere nk’integuza yo kuziririza inzoga n’urusimbi. Iyi Aayah rero yerekana na canecane ko inzoga n’urusimbi bifise ingaruka mbi cane ku muntu; biramusamaza mu kutaninahaza no kudasenga Imana Allah, bitera urwanko n’inzigo mu bantu, bituma kandi haba isesagurwa no kunyonora amatungo hakoreshejwe urwenge.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Résultats de la recherche:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".