Traduction des sens du Noble Coran - الترجمة الكيروندية * - Lexique des traductions

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Traduction des sens Verset: (197) Sourate: AL-BAQARAH
ٱلۡحَجُّ أَشۡهُرٞ مَّعۡلُومَٰتٞۚ فَمَن فَرَضَ فِيهِنَّ ٱلۡحَجَّ فَلَا رَفَثَ وَلَا فُسُوقَ وَلَا جِدَالَ فِي ٱلۡحَجِّۗ وَمَا تَفۡعَلُواْ مِنۡ خَيۡرٖ يَعۡلَمۡهُ ٱللَّهُۗ وَتَزَوَّدُواْ فَإِنَّ خَيۡرَ ٱلزَّادِ ٱلتَّقۡوَىٰۖ وَٱتَّقُونِ يَٰٓأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Igihe co gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka ni amezi azwi[32]. Uwuzozirikana rero kuyishengerera muri ayo mezi, kizoba kizira kuri we kurangura amabanga y’abubatse, kuvuga ibishegu n’ibindi bijanye na vyo, hamwe rero no guharira gutera urwanko n’ishavu mu gihe co gutunganya ibikorwa vy’ishengerera ry’iyo ngoro. Ico mugira cose mu vyiza, Imana Allah Irakizi kandi Izokibahembera. Muraheza rero munatekere impamba ikwiye mu rugendo rwo kuyishengerera, hamwe rero n’impamba y’ivyeza umutima. Mu vy’ukuri, impamba nziza ni igamburukiramana. Muheze rero muntinye Jewe Allah emwe bantu b’incabwenge!
[32] Ukwezi kwa cumi “Shawwaal”, ukwezi kwa cumi na rimwe “Dhu l-Qa’da” n’imisi cumi ya mbere mu kwezi kwa cumi na kabiri “Dhu l-Hijja”.
Les exégèses en arabe:
 
Traduction des sens Verset: (197) Sourate: AL-BAQARAH
Lexique des sourates Numéro de la page
 
Traduction des sens du Noble Coran - الترجمة الكيروندية - Lexique des traductions

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Fermeture