Check out the new design

Traduction des sens du Noble Coran - La traduction kirundi - Youssef Ghahiti * - Lexique des traductions

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Traduction des sens Sourate: Ar Rûm   Verset:
وَعۡدَ ٱللَّهِۖ لَا يُخۡلِفُ ٱللَّهُ وَعۡدَهُۥ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Ni isezerano Imana Allah Yahaye abemeramana, ko Abaromani b’abanaswara bazonesha Abafursi b’ababangikanyamana, kandi Imana Allah ntiyivuguruza kw’isezerano; ariko rero abenshi mu bagarariji b’i Makka, ntibazi ko isezerano ry’Imana Allah ari ukuri;
Les exégèses en arabe:
يَعۡلَمُونَ ظَٰهِرٗا مِّنَ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَهُمۡ عَنِ ٱلۡأٓخِرَةِ هُمۡ غَٰفِلُونَ
Bazi gusa ivyo babona n’amaso mu buzima bwo kw’isi, nayo ku vyerekeye ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibanabwiyumvira, baragoswe pe!
Les exégèses en arabe:
أَوَلَمۡ يَتَفَكَّرُواْ فِيٓ أَنفُسِهِمۗ مَّا خَلَقَ ٱللَّهُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَأَجَلٖ مُّسَمّٗىۗ وَإِنَّ كَثِيرٗا مِّنَ ٱلنَّاسِ بِلِقَآيِٕ رَبِّهِمۡ لَكَٰفِرُونَ
Mbega abahakana bivuye inyuma Intumwa z’Imana, bakanahakana bivuye inyuma ko bazohura n’Imana Allah, ntibiyumvira kw’iremwa ryabo! Burya Imana Allah, ntiyaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, kiretse ko Yabiremye mu kuri ku gushinga ingingo y’indishi ku ciza canke ku kibi, ingingo ishingiye ku butungane bw’Imana Imwe Rurema Allah, no kugira habe isango ntarengwa ry’umuzo w’umusi w’umuhero w’isi! Mu vy’ukuri abenshi mu bantu, baragarariza ku bujuju, bagahakana bivuye inyuma ko bazohura n’Imana yabo Rurema Allah.
Les exégèses en arabe:
أَوَلَمۡ يَسِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَيَنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَانُوٓاْ أَشَدَّ مِنۡهُمۡ قُوَّةٗ وَأَثَارُواْ ٱلۡأَرۡضَ وَعَمَرُوهَآ أَكۡثَرَ مِمَّا عَمَرُوهَا وَجَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِۖ فَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيَظۡلِمَهُمۡ وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Mbega abahakanyi batigera bemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze[3]! Bari n’abantu bafise inguvu nyinshi kubarusha, bashoboye no kuryoherwa n’ubuzima bw’isi mu kurima bakimbura, no mu kwubaka inyubakwa babamwo z’akaroruhore gusumba uko abahakanyi b’i Makka babayeho. Intumwa zabo rero, zaje zibazaniye ivyemezo bigaragara maze barazihakana bivuye inyuma, Imana Allah Ica Irabahonya. Imana Allah rero, ntiyigeze Ibarenganya kuri iryo honywa ryabo, ariko ni bo birenganije mu kuyibangikanya Ica Irabahana;
[3] Nka Bene Aadi na Bene Thamuudi.
Les exégèses en arabe:
ثُمَّ كَانَ عَٰقِبَةَ ٱلَّذِينَ أَسَٰٓـُٔواْ ٱلسُّوٓأَىٰٓ أَن كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَكَانُواْ بِهَا يَسۡتَهۡزِءُونَ
Hanyuma iherezo ry’inkozi z’ikibi mu bagarariji, ryabaye ribi cane ku kubera ukuntu bahakana bivuye inyuma Imana Allah na Aayah zayo Yarungikanye Intumwa, baranaziteburako.
Les exégèses en arabe:
ٱللَّهُ يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥ ثُمَّ إِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Imana Allah, ni Yo ubwayo Yatanguye kurema ibiremwa vyose ata co Irinze gufatirako, ni na Yo Izoshobora no gusubira kubirema bushasha nivyazuka kandi vyaramaze guhona; hanyuma rero, ni no kuri Yo muzosubizwa kugira muhemberwe ivyo mwakoze.
Les exégèses en arabe:
وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يُبۡلِسُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ
N'igihe umuhero w’isi wageze, abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bazokwihebura ko batarokoka mu bihano, maze bijirirwe.
Les exégèses en arabe:
وَلَمۡ يَكُن لَّهُم مِّن شُرَكَآئِهِمۡ شُفَعَٰٓؤُاْ وَكَانُواْ بِشُرَكَآئِهِمۡ كَٰفِرِينَ
Ababangikanyamana kuri uwo musi rero, ntibazoronka ababavugira mu bigirwamana bahora basenga mu gishingo c’Imana Allah, mbere na nya bigirwamana bizobigarama na bo nyene bavyihakane.
Les exégèses en arabe:
وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ يَوۡمَئِذٖ يَتَفَرَّقُونَ
Igihe rero umuhero w’isi wageze, maze abantu bagaharurirwa ivyo bakoze, kuri uwo musi abemeramana bazoshirwa ukwabo, abagarariji na bo nyene bashirwe ukwabo;
Les exégèses en arabe:
فَأَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَهُمۡ فِي رَوۡضَةٖ يُحۡبَرُونَ
Abemeye Imana Allah n’Intumwa zayo bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bazoja mu Bwami bw’ijuru, baheze bazimanwe ivy’akaroruhore.
Les exégèses en arabe:
 
Traduction des sens Sourate: Ar Rûm
Lexique des sourates Numéro de la page
 
Traduction des sens du Noble Coran - La traduction kirundi - Youssef Ghahiti - Lexique des traductions

La traduction par Youssouf Ghayiti. Publiée par La Fondation Africaine pour le Développement.

Fermeture