Check out the new design

Traduction des sens du Noble Coran - La traduction kirundi - Youssef Ghahiti * - Lexique des traductions

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Traduction des sens Sourate: Al Anfâl   Verset:
فَلَمۡ تَقۡتُلُوهُمۡ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ قَتَلَهُمۡۚ وَمَا رَمَيۡتَ إِذۡ رَمَيۡتَ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ رَمَىٰ وَلِيُبۡلِيَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ مِنۡهُ بَلَآءً حَسَنًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ سَمِيعٌ عَلِيمٞ
Bemeramana! Ntimwishe ababangikanyamana ku rugamba rwa Badri ku bubasha bwanyu, ariko Imana Allah ni Yo Yabashoboje kubica. Eka si na wewe Ntumwa y’Imana wabateye urucekeri mu maso, ariko Imana Allah ni Yo Yagushoboje kubagema mu maso. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Igerageze abemeramana igeragezwa ryiza ribashikana ku ntsinzi, rikanabaduza n’urwego rwo hejuru mu guharanira idini ryayo, Yongere Inabamenyeshe inema zayo kuri bo baheze bayishimire. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muserura n’ivyo munyegeza mu mishaha, Irazi ivyankenerwa vy’ibiremwa.
Les exégèses en arabe:
ذَٰلِكُمۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ مُوهِنُ كَيۡدِ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Ivyo vyose rero vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri”, bituruka ku Mana Allah, nta n’inkeka rero ko bitebe bitebuke, Imana Allah Izoca ingoga iburagiza ry’abagarariji gushika baneshejwe.
Les exégèses en arabe:
إِن تَسۡتَفۡتِحُواْ فَقَدۡ جَآءَكُمُ ٱلۡفَتۡحُۖ وَإِن تَنتَهُواْ فَهُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡۖ وَإِن تَعُودُواْ نَعُدۡ وَلَن تُغۡنِيَ عَنكُمۡ فِئَتُكُمۡ شَيۡـٔٗا وَلَوۡ كَثُرَتۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Bagarariji! Nimwasabira abarenganya abandi igihano ku Mana Allah, nta nkeka ko Imana Allah Yamaze kubumvira igihe Yabahanisha ukuneshwa ku rugamba. Nimwaramuka rero mwisubiyeko mukavavanura n’igarariza ry’Imana Allah, mukanareka kurwanya n’Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ivyo bizoba ari vyiza kuri mwebwe. Nimwongera kurwanya Umuvugishwamana, Tuzosubira Tubatsinde kandi, imigwi yanyu nta na kimwe izoheza ngo ibamarire, n’aho izoba igizwe n’ingabo n’ibirwanisho vyinshi, kanatsinda Imana Allah Iri kumwe n’abemeramana, ntibatana urugamba.
Les exégèses en arabe:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَلَا تَوَلَّوۡاْ عَنۡهُ وَأَنتُمۡ تَسۡمَعُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubandanye na ntaryo mwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, ntimuzodohoke kuri iryo yumviramana kandi mwama mwumvise ivyemezo musomerwa muri Qor’ani.
Les exégèses en arabe:
وَلَا تَكُونُواْ كَٱلَّذِينَ قَالُواْ سَمِعۡنَا وَهُمۡ لَا يَسۡمَعُونَ
Bemeramana! Eka ntimukabe nk’ababangikanyamana n’indyarya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), igihe basomerwa Qor’ani bavuze bati: “Twumvise”, kandi batigeze bategera namba ivyo bumvise ngo babizirikane.
Les exégèses en arabe:
۞ إِنَّ شَرَّ ٱلدَّوَآبِّ عِندَ ٱللَّهِ ٱلصُّمُّ ٱلۡبُكۡمُ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡقِلُونَ
Mu vy’ukuri ikiremwa kibi cane ku Mana Allah mu biremwa bigendagenda kw’isi, ni intumva zazivye amatwi, zitigera zitahura ukuri; zikaba n’ibiragi vyagovye indimi, zitigera zivuga ukuri. Abo rero, ni bo badatahura ngo bubahirize amabwirizwa y’Imana Allah.
Les exégèses en arabe:
وَلَوۡ عَلِمَ ٱللَّهُ فِيهِمۡ خَيۡرٗا لَّأَسۡمَعَهُمۡۖ وَلَوۡ أَسۡمَعَهُمۡ لَتَوَلَّواْ وَّهُم مُّعۡرِضُونَ
Iyo Imana Allah Imenya ko barangwa n’iciza, Yari gutuma bumva bagatahura inyigisho za Qor’ani, bagaheza bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. N’iyo Ituma na ho bumva nya nyigisho, bari kugenza umugongo, ntibari kwemera namba n’ibigirankana, birengagiza ukuri bakuzi.
Les exégèses en arabe:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱسۡتَجِيبُواْ لِلَّهِ وَلِلرَّسُولِ إِذَا دَعَاكُمۡ لِمَا يُحۡيِيكُمۡۖ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَحُولُ بَيۡنَ ٱلۡمَرۡءِ وَقَلۡبِهِۦ وَأَنَّهُۥٓ إِلَيۡهِ تُحۡشَرُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo mu gihe Ibahamagariye kwubahiriza ukuri guheza kukabaha ubuzima bwiza . Nimumenye ko Imana Allah ari Yo Ishoboye gutera intambamyi hagati y’umuntu n’ivyo umushaha wiwe wipfuza. Mumenye n’uko muzokwegeranirizwa kuri Yo ku musi w’izuka, Igahembera umwe wese ivyo yakoze.
Les exégèses en arabe:
وَٱتَّقُواْ فِتۡنَةٗ لَّا تُصِيبَنَّ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنكُمۡ خَآصَّةٗۖ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Bemeramana! Nimwiyubare igeragezwa ry’ikiza ridashikira gusa ibigaba muri mwebwe , ahubwo riranashikira n’aberanda bari bashoboye gusemerera bakamirira kure ibikorwa n’ivyo bigaba, ariko bakigira ba sindabibazwa, bakirengagiza. Nimumenye kandi ko Imana Allah Ihana Igahasha abaca kubiri n’amabwirizwa yayo.
Les exégèses en arabe:
 
Traduction des sens Sourate: Al Anfâl
Lexique des sourates Numéro de la page
 
Traduction des sens du Noble Coran - La traduction kirundi - Youssef Ghahiti - Lexique des traductions

La traduction par Youssouf Ghayiti. Publiée par La Fondation Africaine pour le Développement.

Fermeture