Check out the new design

કુરઆન મજીદના શબ્દોનું ભાષાંતર - કિરુન્ડી ભાષામાં અનુવાદ - યુસૂફ ઘેતી * - ભાષાંતરોની અનુક્રમણિકા

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

શબ્દોનું ભાષાંતર સૂરહ: અલ્ માઇદહ   આયત:
قَالُواْ يَٰمُوسَىٰٓ إِنَّا لَن نَّدۡخُلَهَآ أَبَدٗا مَّا دَامُواْ فِيهَا فَٱذۡهَبۡ أَنتَ وَرَبُّكَ فَقَٰتِلَآ إِنَّا هَٰهُنَا قَٰعِدُونَ
Bene Israyeli babwiye Musa bamwiyama n’amanyama n’akantu, bati: “Twebwe mu vy’ukuri, ntiturota twinjira ico gisagara ivyo bihangange bikikirimwo. Genda rero wewe Musa hamwe n’Imana yawe Rurema Allah, muheze muhangane na vyo, nayo twebwe ntiturota tuva ng’aha”.
અરબી તફસીરો:
قَالَ رَبِّ إِنِّي لَآ أَمۡلِكُ إِلَّا نَفۡسِي وَأَخِيۖ فَٱفۡرُقۡ بَيۡنَنَا وَبَيۡنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلۡفَٰسِقِينَ
Musa, ni ho yaca atakambira Imana Allah ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe mu vy’ukuri, nta we mfiseko ububasha, kiretse agatwe kanje na murumunanje. Kubera ivyo rero, ruducire hagati yacu n’abantu b’ibigaba bari aho”.
અરબી તફસીરો:
قَالَ فَإِنَّهَا مُحَرَّمَةٌ عَلَيۡهِمۡۛ أَرۡبَعِينَ سَنَةٗۛ يَتِيهُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِۚ فَلَا تَأۡسَ عَلَى ٱلۡقَوۡمِ ٱلۡفَٰسِقِينَ
Imana Allah Yaramwumviye Imwishura Iti: “Mu vy’ukuri, kuva uno musi, kwinjira igisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, ni ikizira kuri Bene Israyeli mu kiringo c’imyaka mirongo ine, bazokwamana intekera ku mutwe bazembagirika kw’isi, eka mbere ntukagirire impungenge abantu b’ibigaba”.
અરબી તફસીરો:
۞ وَٱتۡلُ عَلَيۡهِمۡ نَبَأَ ٱبۡنَيۡ ءَادَمَ بِٱلۡحَقِّ إِذۡ قَرَّبَا قُرۡبَانٗا فَتُقُبِّلَ مِنۡ أَحَدِهِمَا وَلَمۡ يُتَقَبَّلۡ مِنَ ٱلۡأٓخَرِ قَالَ لَأَقۡتُلَنَّكَۖ قَالَ إِنَّمَا يَتَقَبَّلُ ٱللَّهُ مِنَ ٱلۡمُتَّقِينَ
Ntumwa y’Imana! Cira agace Bene Israyeli ku nkuru y’ukuri y’ivyashikiye Bene Adamu Qaabiili na Haabiili, igihe umwe wese muri bo yiyegereza ku Mana Allah mu gutanga ikimazi[12], Imana Allah Iraheza Yakira ikimazi catanzwe na Haabiili kuko yatinya Imana Allah akayigamburukira; Yanka kwakira ikimazi catanzwe na Qaabiili kuko ari ikigaba. Ni ho Qaabiili yaca asharika Haabiili amubwira ati: “Ntegerezwa kukwica!”, Haabiili na we amwishura amuhanura ati: “Ni ukuri, Imana Allah Yakirira abayitinya bakayigamburukira;
[12] Ikimazi, ni ikintu ico ari co cose umuntu atanga ku kwiyegereza Imana Allah nk’imbagwa mu bitungwa canke imperezwa mu yandi matungo, n’ibindi.
અરબી તફસીરો:
لَئِنۢ بَسَطتَ إِلَيَّ يَدَكَ لِتَقۡتُلَنِي مَآ أَنَا۠ بِبَاسِطٖ يَدِيَ إِلَيۡكَ لِأَقۡتُلَكَۖ إِنِّيٓ أَخَافُ ٱللَّهَ رَبَّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Niwaramuka umfashe n’amaboko yawe ngo unyice, jewe sindota ndagukozako amaboko yanje ngo ndakwice. Mu vy’ukuri, jewe ndatinya ibihano vy’Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
અરબી તફસીરો:
إِنِّيٓ أُرِيدُ أَن تَبُوٓأَ بِإِثۡمِي وَإِثۡمِكَ فَتَكُونَ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلنَّارِۚ وَذَٰلِكَ جَزَٰٓؤُاْ ٱلظَّٰلِمِينَ
Mu vy’ukuri, jewe nshaka ko uruhira kwikorera ivyaha vyo kunyica vyiyongereye ku vyo wari usanganwe, ushoke uja mu bantu bo mu muriro. Iyo ni yo ndishi y’abarenganya abandi”.
અરબી તફસીરો:
فَطَوَّعَتۡ لَهُۥ نَفۡسُهُۥ قَتۡلَ أَخِيهِ فَقَتَلَهُۥ فَأَصۡبَحَ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Ni ho rero Qaabiili umutima wiwe wamwosha kwica murumunawe, araheza aramwica, aca aruhira kuba mu biguze ubuzima bwo kw’isi, bahomvye ubuzima bwabo bw’inyuma yo gupfa.
અરબી તફસીરો:
فَبَعَثَ ٱللَّهُ غُرَابٗا يَبۡحَثُ فِي ٱلۡأَرۡضِ لِيُرِيَهُۥ كَيۡفَ يُوَٰرِي سَوۡءَةَ أَخِيهِۚ قَالَ يَٰوَيۡلَتَىٰٓ أَعَجَزۡتُ أَنۡ أَكُونَ مِثۡلَ هَٰذَا ٱلۡغُرَابِ فَأُوَٰرِيَ سَوۡءَةَ أَخِيۖ فَأَصۡبَحَ مِنَ ٱلنَّٰدِمِينَ
Ni ho Imana Allah Yarungika igikona, cimba ikinogo hasi gishaka gufuririramwo ikindi gikona cishe, kugira cereke Qaabiili ukuntu afuba ikiziga ca murumunawe kimutera urubwa. Ni ho yitangaza yicuza ati: “Amagorwa arama yemwe! Nananiwe no kuba nk’iki gikona, ngaheza nkafuba ikiziga ca murumunanje!”. Ni ho rero yashoka amufuba, aca aruhira kuba mu bicuza.
અરબી તફસીરો:
 
શબ્દોનું ભાષાંતર સૂરહ: અલ્ માઇદહ
સૂરહ માટે અનુક્રમણિકા પેજ નંબર
 
કુરઆન મજીદના શબ્દોનું ભાષાંતર - કિરુન્ડી ભાષામાં અનુવાદ - યુસૂફ ઘેતી - ભાષાંતરોની અનુક્રમણિકા

યુસૂફ ઘેતી દ્વારા અનુવાદિત. આફ્રિકન ડેવલપમેન્ટ ફાઉન્ડેશન દ્વારા પ્રકાશિત.

બંધ કરો