クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية * - 対訳の目次

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

対訳 節: (4) 章: 平伏礼章
ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ مَا لَكُم مِّن دُونِهِۦ مِن وَلِيّٖ وَلَا شَفِيعٍۚ أَفَلَا تَتَذَكَّرُونَ
Imana Allah, ni Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu[2], hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo[3]. Bantu! Nta muhagarikizi mufise abatunganiriza ivyanyu havuye Imana Allah, eka nta n’uwubavugira mufise yobakurako ibihano vyayo atari ku burenganzira bwayo. Ubwo none, ntimwokwibuka mukamenya ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa!
[2] Imana Allah Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu ku mvo Yo Yonyene Izi, ni na Yo Ishoboye kurema mu kubwira ikintu Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
[3] Uguhangama kw’Imana Allah ntikugereranywa n’uguhangama kw’ibiremwa.
アラビア語 クルアーン注釈:
 
対訳 節: (4) 章: 平伏礼章
章名の目次 ページ番号
 
クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية - 対訳の目次

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

閉じる