クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية * - 対訳の目次

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

対訳 節: (171) 章: 婦人章
يَٰٓأَهۡلَ ٱلۡكِتَٰبِ لَا تَغۡلُواْ فِي دِينِكُمۡ وَلَا تَقُولُواْ عَلَى ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡحَقَّۚ إِنَّمَا ٱلۡمَسِيحُ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَ رَسُولُ ٱللَّهِ وَكَلِمَتُهُۥٓ أَلۡقَىٰهَآ إِلَىٰ مَرۡيَمَ وَرُوحٞ مِّنۡهُۖ فَـَٔامِنُواْ بِٱللَّهِ وَرُسُلِهِۦۖ وَلَا تَقُولُواْ ثَلَٰثَةٌۚ ٱنتَهُواْ خَيۡرٗا لَّكُمۡۚ إِنَّمَا ٱللَّهُ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞۖ سُبۡحَٰنَهُۥٓ أَن يَكُونَ لَهُۥ وَلَدٞۘ لَّهُۥ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۗ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ وَكِيلٗا
Emwe bahawe Igitabu c’Injili! Ntimukarenze urugero rw’ukwemera mw’idini ryanyu, kandi ntimukavuge ku vyerekeye Imana Allah, kiretse ukuri mu kutayomekera umugore canke umwana. Ni ukuri, Masihi Isa mwene Mariyamu, ni Intumwa y’Imana Allah vy’ukuri, si imana, si n’umwana w’Imana, yamuremye kw’ijambo ryayo Yarungikanye umumalayika Jibrili kwa Mariyamu Iti: “Ba”, maze bica biba ukwo, rikaba ari na ryo nkomoko y’ubuzima “Roho” yavuye ku Mana Allah, maze ku bushobozi bwayo, Jibrili ayihuhira muri Mariyamu, Isa aca aba ikiremwa gikwiye. Nimwemere rero ko Imana Allah ari Imwe Rudende mwicishe bugufi kuri Yo, mwemere n’Intumwa zayo mu vyo zabashikirije muheze muvyubahirize, kandi ntimukabangikanye Imana Allah na Isa hamwe na nyina ngo muvyite ubutatu bweranda. Nimusige aho! Nimuteshwe mute kw’iyo mvugo, bizoba ari vyo vyiza cane gusumba kuri mwebwe. Ni ukuri, Allah ni Imana Imwe Rudende, ininahazwa ni iryayo, ntikitirirwe umwana! Imana Allah ni Yo Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo, burya Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Muhagarikizi Atunganya ubuzima n’uburyo bwo kubeshaho ibiremwa.
アラビア語 クルアーン注釈:
 
対訳 節: (171) 章: 婦人章
章名の目次 ページ番号
 
クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية - 対訳の目次

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

閉じる