Check out the new design

クルアーンの対訳 - キルンディ語対訳 - Yusuf Ghayiti * - 対訳の目次

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

対訳 章: 食卓章   節:
وَحَسِبُوٓاْ أَلَّا تَكُونَ فِتۡنَةٞ فَعَمُواْ وَصَمُّواْ ثُمَّ تَابَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِمۡ ثُمَّ عَمُواْ وَصَمُّواْ كَثِيرٞ مِّنۡهُمۡۚ وَٱللَّهُ بَصِيرُۢ بِمَا يَعۡمَلُونَ
Ivyo bigaba mu bayahudi rero, vyibaza ko Imana Allah Itazobihana, biraheza birarendegera mu bukozi bw’ikibi bicika impumyi, ntivyaba bikibona ukuri; bicika n’intumva, ntivyaba bicumva ukuri ngo kugire ico kubimariye. Ni ho rero Imana Allah Yabihana, hanyuma Iravyumvira bimaze kwigaya. Mu nyuma yaho ukuri gutomokeye, abenshi muri vyo bahavuye bacika impumyi kandi bacika n’intumva. Burya Imana Allah, ni Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, Izonabibahembera.
アラビア語 クルアーン注釈:
لَقَدۡ كَفَرَ ٱلَّذِينَ قَالُوٓاْ إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلۡمَسِيحُ ٱبۡنُ مَرۡيَمَۖ وَقَالَ ٱلۡمَسِيحُ يَٰبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ رَبِّي وَرَبَّكُمۡۖ إِنَّهُۥ مَن يُشۡرِكۡ بِٱللَّهِ فَقَدۡ حَرَّمَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِ ٱلۡجَنَّةَ وَمَأۡوَىٰهُ ٱلنَّارُۖ وَمَا لِلظَّٰلِمِينَ مِنۡ أَنصَارٖ
Ni ukuri abavuze ko Imana Allah mu vy’ukuri ari we Masihi mwene Mariyamu, baramaze kugarariza, kuko Masihi ubwiwe yabwiye Bene Israyeli ati: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema. Mu vy’ukuri, uwo wese azobangikanya Imana Allah n’ikindi kintu, ni ukuri Imana Allah Yaraziririje ko yoja mu Bwami bw’ijuru, ubushikiro bwiwe ni mu muriro. Abirenganije mw’ibangikanyamana ntibazoronka n’umwe abatabara mu bihano”.
アラビア語 クルアーン注釈:
لَّقَدۡ كَفَرَ ٱلَّذِينَ قَالُوٓاْ إِنَّ ٱللَّهَ ثَالِثُ ثَلَٰثَةٖۘ وَمَا مِنۡ إِلَٰهٍ إِلَّآ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞۚ وَإِن لَّمۡ يَنتَهُواْ عَمَّا يَقُولُونَ لَيَمَسَّنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنۡهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٌ
Ni ukuri, abavuze ko Imana Allah mu vy’ukuri ari imwe mu butatu bweranda[23], baramaze kugarariza. Mbega none ntibazi ko abantu ata yindi mana bafise, atari Imana Imwe Rudende Allah, Itavyaye kandi Itavyawe! Ntiboteshwa ngo bate, bakavavanura n’ivyo bavuga! Ni ukuri bazokorwako n’ibihano bibabaza;
[23] Ubutatu bweranda, bugizwe n’umukama w’imana zitatu ari zo, data, mwana na mutimamweranda. Ijambo “umukama” rero, kizira ku mwislamu kurikoresha nk’izina ry’Imana Allah, kuko ng’aha risigura ubutatu bweranda, iryo na ryo ni ibangikanyamana.
アラビア語 クルアーン注釈:
أَفَلَا يَتُوبُونَ إِلَى ٱللَّهِ وَيَسۡتَغۡفِرُونَهُۥۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Mbega ntibogaruka ku Mana Allah bakigaya ku vyo bavuga, bakanayisaba imbabazi! Burya Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
アラビア語 クルアーン注釈:
مَّا ٱلۡمَسِيحُ ٱبۡنُ مَرۡيَمَ إِلَّا رَسُولٞ قَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِهِ ٱلرُّسُلُ وَأُمُّهُۥ صِدِّيقَةٞۖ كَانَا يَأۡكُلَانِ ٱلطَّعَامَۗ ٱنظُرۡ كَيۡفَ نُبَيِّنُ لَهُمُ ٱلۡأٓيَٰتِ ثُمَّ ٱنظُرۡ أَنَّىٰ يُؤۡفَكُونَ
Burya rero Masihi mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) si ikindi, kiretse ko ari Intumwa nk’izindi zarungitswe n’Imana Allah aho hambere; na nyina wiwe yari imvugakuri yemera vy’ukuri, Masihi hamwe na nyina barihereza imfungurwa nk’ibindi biremwa, mu gihe ata mana y’ukuri ikenera kubeshwaho n’imfungurwa. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubatomorera ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ntibaheze ngo bave mu muzimagiza w’ubuhuvyi! Hanyuma urabe n’ukuntu bagarariza ukuri kandi baramaze kukumenya, maze bakareka kwemera no gusenga Imana Allah Yaremye batayibangikanya!
アラビア語 クルアーン注釈:
قُلۡ أَتَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَمۡلِكُ لَكُمۡ ضَرّٗا وَلَا نَفۡعٗاۚ وَٱللَّهُ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega mubangikanya Imana Allah mu gusenga ibigirwamana ata co bibatwara mu gihe mworeka kubisenga, ata n’ico bibungura mu gihe mwobisenga! Burya rero Imana Allah ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi n’ivyo muhisha mu mishaha yanyu”.
アラビア語 クルアーン注釈:
قُلۡ يَٰٓأَهۡلَ ٱلۡكِتَٰبِ لَا تَغۡلُواْ فِي دِينِكُمۡ غَيۡرَ ٱلۡحَقِّ وَلَا تَتَّبِعُوٓاْ أَهۡوَآءَ قَوۡمٖ قَدۡ ضَلُّواْ مِن قَبۡلُ وَأَضَلُّواْ كَثِيرٗا وَضَلُّواْ عَن سَوَآءِ ٱلسَّبِيلِ
Ntumwa y’Imana! Bwira abahawe Igitabu c’Injili uti: “Ntimukarenze urugero rw’ukwemera mw’idini ryanyu ku vyerekeye Masihi, kandi ntimugatwarwe n’ivyipfuzo vyanyu ngo muhube; nk’uko abo hambere yanyu mu bayahudi batwawe n’ivyipfuzo vyabo mw’idini bagahuba, bakanahubisha n’abandi benshi mu bantu, baranahuvye inzira igororotse”.
アラビア語 クルアーン注釈:
 
対訳 章: 食卓章
章名の目次 ページ番号
 
クルアーンの対訳 - キルンディ語対訳 - Yusuf Ghayiti - 対訳の目次

ヨセフ・ガイティによる翻訳。The African Development Foundation teamによる発行。

閉じる