クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية * - 対訳の目次

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

対訳 節: (106) 章: 食卓章
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ شَهَٰدَةُ بَيۡنِكُمۡ إِذَا حَضَرَ أَحَدَكُمُ ٱلۡمَوۡتُ حِينَ ٱلۡوَصِيَّةِ ٱثۡنَانِ ذَوَا عَدۡلٖ مِّنكُمۡ أَوۡ ءَاخَرَانِ مِنۡ غَيۡرِكُمۡ إِنۡ أَنتُمۡ ضَرَبۡتُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَأَصَٰبَتۡكُم مُّصِيبَةُ ٱلۡمَوۡتِۚ تَحۡبِسُونَهُمَا مِنۢ بَعۡدِ ٱلصَّلَوٰةِ فَيُقۡسِمَانِ بِٱللَّهِ إِنِ ٱرۡتَبۡتُمۡ لَا نَشۡتَرِي بِهِۦ ثَمَنٗا وَلَوۡ كَانَ ذَا قُرۡبَىٰ وَلَا نَكۡتُمُ شَهَٰدَةَ ٱللَّهِ إِنَّآ إِذٗا لَّمِنَ ٱلۡأٓثِمِينَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ukwemeza iragi ry’uwuri ku mpfiro muri mwebwe, gusaba ivyabona bibiri vy’intungane muri mwebwe, canke ivyabona bibiri mu batari abislamu mu gihe hatoboneka abislamu, maze bikababera ivyabona mu kwemeza nya ragi igihe hogira uwushikirwa n’urupfu ari ku rugendo. Ivyo vyabona rero, nimwabigirako amakenga, muraheza mubihagurutse inyuma yo gusenga, canecane isengesho ryo ku muhingamo, biheze birahire kw’Izina ry’Imana Allah mu kwemeza iryo ragi, biti: “Turarahiye ko tutarota twakira igiturire mu kuba ivyabona n’aho twobera ivyabona uwo dusangiye umuryango; n’uko tutazonyegeza na kimwe mu kuri tuzi, tukaba ivyabona vy’ukuri ku bw’Imana Allah; nitwaramuka turenze kuri iyi ndahiro, tuzoba turi mu bacumuye”.
アラビア語 クルアーン注釈:
 
対訳 節: (106) 章: 食卓章
章名の目次 ページ番号
 
クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية - 対訳の目次

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

閉じる