クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية * - 対訳の目次

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

対訳 節: (17) 章: 食卓章
لَّقَدۡ كَفَرَ ٱلَّذِينَ قَالُوٓاْ إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلۡمَسِيحُ ٱبۡنُ مَرۡيَمَۚ قُلۡ فَمَن يَمۡلِكُ مِنَ ٱللَّهِ شَيۡـًٔا إِنۡ أَرَادَ أَن يُهۡلِكَ ٱلۡمَسِيحَ ٱبۡنَ مَرۡيَمَ وَأُمَّهُۥ وَمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗاۗ وَلِلَّهِ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَاۚ يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Abavuze ko Imana Allah ari we Masihi Isa mwene Mariyamu, ni ukuri baramaze kugarariza. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega none, ni nde yoshobora gukingira urupfu Masihi mwene Mariyamu be na nyina wiwe, mu gihe Imana Allah Yoshaka ko bapfa bompi hamwe n’ibiremwa vyose biri kw’isi[10]! Eka nta n’umwe yoshobora kubakingira urupfu, kuko burya Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Irema ico Ishatse kikaba. Imana Allah ni Mushoboravyose[11].
[10] Iyo rero Masihi mwene Mariyamu aba ari imana vy’ukuri, yokwikingiye urupfu ntapfe. Yari no gukingira urupfu nyina wiwe Mariyamu, ntapfe, ariko rero ntiyashoboye kumukingira urwo rupfu, kuko we hamwe na nyina, ni ibiremwa muri Bene Adamu.
[11] Ukwemera ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, gushingiye ku kwemera ko ari Yo Nyenubushobozi bwo kurema no kubeshaho ibiremwa, n’uko ata kintu na kimwe kibangikanije na Yo muri ubwo bushobozi. Abenshi rero bagwa mu caha c’ibangikanyamana, mu kurenza urugezo rw’icubahiro baha Abavugishwamana kibure aberanda mu biremwa, n’aho boba barahawe n’Imana Allah ibitangaro, ntivyotuma bahabwa icubahiro c’ubumana cagenewe gusa Imana Allah Yabaremye, ari na Yo Ibwirijwe guhabwa ico cubahiro Itabangikanijwe na kimwe mu biremwa.
アラビア語 クルアーン注釈:
 
対訳 節: (17) 章: 食卓章
章名の目次 ページ番号
 
クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية - 対訳の目次

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

閉じる