クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية * - 対訳の目次

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

対訳 章: 慈悲深き者章   節:

SURATU RRAHMAANI

ٱلرَّحۡمَٰنُ
Nyenimpuhwe;
アラビア語 クルアーン注釈:
عَلَّمَ ٱلۡقُرۡءَانَ
Yarigishije umuntu Qor’ani, mu kumworohereza ukuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa.
アラビア語 クルアーン注釈:
خَلَقَ ٱلۡإِنسَٰنَ
Yaremye umuntu;
アラビア語 クルアーン注釈:
عَلَّمَهُ ٱلۡبَيَانَ
Yamwigishije gutomora ikiri ku mutima; iryo rikaba ari na ryo teka yatewe gusumba ibindi biremwa.
アラビア語 クルアーン注釈:
ٱلشَّمۡسُ وَٱلۡقَمَرُ بِحُسۡبَانٖ
Izuba n’ukwezi bigenda bibisikanya mu giharuro ata kwihenda eka ata n’uguhindagurika kw’igiharuro.
アラビア語 クルアーン注釈:
وَٱلنَّجۡمُ وَٱلشَّجَرُ يَسۡجُدَانِ
N’inyenyeri kw’ijuru canke ibiterwa bitagira intimbatimba, hamwe rero n’ibiti bifise umutumba, vyose vyubamira Imana Allah Yabiremye, bikanagamburuka mu kwubahiriza ico vyaremewe ku neza ya kiremwa-muntu.
アラビア語 クルアーン注釈:
وَٱلسَّمَآءَ رَفَعَهَا وَوَضَعَ ٱلۡمِيزَانَ
N’ijuru Yararihanitse hejuru y’isi, maze Ishira kw’isi ubutungane Yategetse ko bwubahirizwa hagati y’ibiremwa;
アラビア語 クルアーン注釈:
أَلَّا تَطۡغَوۡاْ فِي ٱلۡمِيزَانِ
Kugira ntihagire uwo murenganya ku munzani;
アラビア語 クルアーン注釈:
وَأَقِيمُواْ ٱلۡوَزۡنَ بِٱلۡقِسۡطِ وَلَا تُخۡسِرُواْ ٱلۡمِيزَانَ
Muheze mupime mu butungane, kandi ntimukagabanye ku munzani mu gihe mupimiye abandi.
アラビア語 クルアーン注釈:
وَٱلۡأَرۡضَ وَضَعَهَا لِلۡأَنَامِ
N’isi Yarayishashe neza, kugira ibiremwa bishobore kuyibako;
アラビア語 クルアーン注釈:
فِيهَا فَٰكِهَةٞ وَٱلنَّخۡلُ ذَاتُ ٱلۡأَكۡمَامِ
Kuri nya si rero, hari ivyamwa hamwe n’ibiti vy’itende bishurikira mu gitutwe maze bikama itende;
アラビア語 クルアーン注釈:
وَٱلۡحَبُّ ذُو ٱلۡعَصۡفِ وَٱلرَّيۡحَانُ
Hari n’intete zifise agashishwa zibabeshaho, hakaba n’izindi zifise akamotero.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana[1]!
[1] Igihe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yasomera Amajini iki gisomwa, igihe cose isomye iyi Aayah, nya Majini yaca yishura ati: “Eka nta n’imwe mu nema zawe Mana yacu Rurema Allah duhakana, ahubwo mbere Urakwiye ishimagizwa muri vyose!”. Birakenewe rero ko umuntu yemanga agashima inema z’Imana Allah mu gihe cose azibukijwe.
アラビア語 クルアーン注釈:
خَلَقَ ٱلۡإِنسَٰنَ مِن صَلۡصَٰلٖ كَٱلۡفَخَّارِ
Bantu! Yaremye so wanyu Adamu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ibumba ryokeje;
アラビア語 クルアーン注釈:
وَخَلَقَ ٱلۡجَآنَّ مِن مَّارِجٖ مِّن نَّارٖ
Irema na Ibilisi, ari na yo nkomoko y’Amajini, mu rubeya rurabagiza rw’umuriro.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
رَبُّ ٱلۡمَشۡرِقَيۡنِ وَرَبُّ ٱلۡمَغۡرِبَيۡنِ
Ni Yo Mana Rurema, Yaremye ubuseruko bubiri; mu gihe c’ici no mu gihe c’urushana; Ikaba n’Imana Rurema Yaremye n’uburengero bubiri muri ivyo bihe nyene.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
مَرَجَ ٱلۡبَحۡرَيۡنِ يَلۡتَقِيَانِ
Yahurije hamwe amabahari abiri, atandukanye mu kanovera k’amazi yayo;
アラビア語 クルアーン注釈:
بَيۡنَهُمَا بَرۡزَخٞ لَّا يَبۡغِيَانِ
Hamwe n’iryo tandukaniro ry’akanovera k’amazi yayo rero, hagati yayo hariho agakingo gatuma amazi y’icunyunyu y’iri bahari atavangana n’amazi y’akanovera y’irindi bahari.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
يَخۡرُجُ مِنۡهُمَا ٱللُّؤۡلُؤُ وَٱلۡمَرۡجَانُ
Muri nya mabahari yompi, hacukurwamwo ubutare bwa lulu[2] n'ubwa marjaani[3].
[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.
[3] Marjaani, ni ubwoko bw’amabuye y’agaciro, acukurwa mw’ibahari, akaba yiremarema mu binyabuzima biba musi yaryo, aremye nk’ishurwe rifise udushami n’imizi, akagira n’ibara risa n’agahama canke rishaka gutukura.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
وَلَهُ ٱلۡجَوَارِ ٱلۡمُنشَـَٔاتُ فِي ٱلۡبَحۡرِ كَٱلۡأَعۡلَٰمِ
Ni na Yo Nyenububasha, Ituma ubwato bugendera mw’ibahari mu ruja n’uruza, buriko ibitambara bimanitse bingana umusozi, busunikwa n’umuyaga.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
كُلُّ مَنۡ عَلَيۡهَا فَانٖ
Zina kiremwa cose kiri kw’isi, kizopfa gihone;
アラビア語 クルアーン注釈:
وَيَبۡقَىٰ وَجۡهُ رَبِّكَ ذُو ٱلۡجَلَٰلِ وَٱلۡإِكۡرَامِ
Maze hasigare gusa Imana yawe Rurema Allah, Yo Yonyene ubwayo, Nyenicubahiro kirengeye vyose, Nyenubugwaneza[4].
[4] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise mu maso mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, ata kugereranya mu maso hayo n’ah’ibiremwa mu kuntu hasa n’ukuntu haremye.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
يَسۡـَٔلُهُۥ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ كُلَّ يَوۡمٍ هُوَ فِي شَأۡنٖ
Abari mu majuru n’isi, ni Yo basaba ko Ibaronsa ivyo bakeneye vyose. Imisi yose rero, Iba Iriko Irabishura, maze Igatera iteka uyu Igateza urubwa n’uriya; Igaha uyu, Ikima n’uriya.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
سَنَفۡرُغُ لَكُمۡ أَيُّهَ ٱلثَّقَلَانِ
Emwe bantu hamwe n’Amajini! Burya, Tuzoteba Tubaharurira ivyo mwakoze kw’isi, Twongere Tubibahembere, Duheze Duhane abanyavyaha, Duhe n’indishi abagwaneza.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
يَٰمَعۡشَرَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِ إِنِ ٱسۡتَطَعۡتُمۡ أَن تَنفُذُواْ مِنۡ أَقۡطَارِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ فَٱنفُذُواْۚ لَا تَنفُذُونَ إِلَّا بِسُلۡطَٰنٖ
Emwe bantu hamwe n’Amajini! Nimwaba mushobora gucaruka mu bihano mugahungira mu mihingo itandukanye y’amajuru n’isi, nimuhunge mwomoke. Eka ntimushobora gucaruka na gato, kiretse ku bushobozi n’ububasha vy’Imana Allah.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
يُرۡسَلُ عَلَيۡكُمَا شُوَاظٞ مِّن نَّارٖ وَنُحَاسٞ فَلَا تَنتَصِرَانِ
Mu gihe mwokwihenda ngo murahunze nya bihano, muzorungikirwa urubeya rw’umuriro, Tubarungikire n’ubutare bw’umujumpu buyongejwe, busukwe ku mitwe yanyu, ntimuzonatabarana hagati yanyu.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
فَإِذَا ٱنشَقَّتِ ٱلسَّمَآءُ فَكَانَتۡ وَرۡدَةٗ كَٱلدِّهَانِ
Igihe ijuru ryasadaguritse ku musi w’umuhero w’isi, rikarungurira rigasa nk’ishurwe ritukura, rikaba nka kurya kw’amavuta n’icuma vyasebuye bikaryimara.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
فَيَوۡمَئِذٖ لَّا يُسۡـَٔلُ عَن ذَنۢبِهِۦٓ إِنسٞ وَلَا جَآنّٞ
Kuri uyo musi, abamalayika nta n’umwe bazobaza ku vyaha vyiwe, yaba mu bantu kibure mu Majini.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
يُعۡرَفُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ بِسِيمَٰهُمۡ فَيُؤۡخَذُ بِٱلنَّوَٰصِي وَٱلۡأَقۡدَامِ
Abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, abamalayika bazobamenyera ku bimenyetso vyabo bibaranga, maze babacakire mu ruhanga n’ibirenge, babajugunyire mu muriro.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
هَٰذِهِۦ جَهَنَّمُ ٱلَّتِي يُكَذِّبُ بِهَا ٱلۡمُجۡرِمُونَ
Bazobwirwa ku gashinyaguro n’akantu bati: “Ng’iyi rero Jahannamu, abanyavyaha bahora bahakana kw’isi ko itabaho”;
アラビア語 クルアーン注釈:
يَطُوفُونَ بَيۡنَهَا وَبَيۡنَ حَمِيمٍ ءَانٖ
Ibihano bazohabwa bizokurakuranwa. Hamwe bazohanishwa umuriro, ahandi bahanishwe amazi yasebuye akaryimara, acagagura amara.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
وَلِمَنۡ خَافَ مَقَامَ رَبِّهِۦ جَنَّتَانِ
Uwutinya guhagarikwa imbere y’Imana yiwe Rurema Allah, maze akubahiriza amabwirizwa yayo, azohabwa imirima ibiri itotahaye mu Bwami bw’ijuru.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
ذَوَاتَآ أَفۡنَانٖ
Nya mirima yompi, irimwo amashami y’ibiti abogaboga ivyamwa.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
فِيهِمَا عَيۡنَانِ تَجۡرِيَانِ
Muri nya mirima yompi, harimwo imbizi zibiri z’amazi atemba hagati yayo.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
فِيهِمَا مِن كُلِّ فَٰكِهَةٖ زَوۡجَانِ
Muri nya mirima yompi, harimwo ubwoko bubiribubiri bw’ivyamwa; bitoto n’ivyumye.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
مُتَّكِـِٔينَ عَلَىٰ فُرُشِۭ بَطَآئِنُهَا مِنۡ إِسۡتَبۡرَقٖۚ وَجَنَى ٱلۡجَنَّتَيۡنِ دَانٖ
Bazoba bicaye ku bisaswa bitekeyemwo iharire iremereye, no kwamura ivyamwa vyo muri nya mirima yompi bizoba vyoroshe.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
فِيهِنَّ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ لَمۡ يَطۡمِثۡهُنَّ إِنسٞ قَبۡلَهُمۡ وَلَا جَآنّٞ
Kuri nya bisaswa, hazoba hicaye n’abakenyezi bagumiza akajisho ku bagabo babo, barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini), ata muntu n’umwe canke Ijini arigera ababira imbere yuko bashingirwa kuri bo.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
كَأَنَّهُنَّ ٱلۡيَاقُوتُ وَٱلۡمَرۡجَانُ
Nya bakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru, ku bwiza bwabo womengo ni Yaakuuti[5] na Marjaani[6].
[5] Yaakuuti. ni ubwoko bw’ubutare bucukurwa musi y’ibahari, bukaba busa n’ibara ritukura canke ry’ubururu, buremye nk’ibuye, busayangana.
[6] Marjaani, ni ubwoko bw’amabuye y’agaciro, acukurwa mw’ibahari, akaba yiremarema mu binyabuzima biba musi yaryo, aremye nk’ishurwe rifise udushami n’imizi, akagira n’ibara risa n’agahama canke rishaka gutukura.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
هَلۡ جَزَآءُ ٱلۡإِحۡسَٰنِ إِلَّا ٱلۡإِحۡسَٰنُ
Mbega ineza ntiyiturwa iyindi! Indishi y’ubugwaneza rero ni uguhabwa Ubwami bw’ijuru!
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
وَمِن دُونِهِمَا جَنَّتَانِ
Hamwe n’iyo mirima ibiri, baragenewe kandi n’iyindi mirima ibiri itotahaye mu Bwami bw’ijuru.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
مُدۡهَآمَّتَانِ
Nya mirima yompi, isa n’icatsi kibisi gihakwa kwirabura.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
فِيهِمَا عَيۡنَانِ نَضَّاخَتَانِ
Muri nya mirima yompi, harimwo imbizi zibiri z’amazi aguma adudubiza, atigera akama.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
فِيهِمَا فَٰكِهَةٞ وَنَخۡلٞ وَرُمَّانٞ
Muri nya mirima yompi, harimwo amoko y’ivyamwa, itende n’imikomamanga.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
فِيهِنَّ خَيۡرَٰتٌ حِسَانٞ
Muri iyo mirima yose uko ari ine rero, harimwo abakenyezi barangwa n’ingeso nziza, bakayangana mu maso, eka ntiworaba ubwiza buri aho!
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
حُورٞ مَّقۡصُورَٰتٞ فِي ٱلۡخِيَامِ
Ni abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini), bari n’ahantu hiherereye mu mahema.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
لَمۡ يَطۡمِثۡهُنَّ إِنسٞ قَبۡلَهُمۡ وَلَا جَآنّٞ
Nta muntu n’umwe canke Ijini arigera ababira imbere yuko bashingirwa kuri bo.
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
مُتَّكِـِٔينَ عَلَىٰ رَفۡرَفٍ خُضۡرٖ وَعَبۡقَرِيٍّ حِسَانٖ
Bazoba bicaye ku misego ipfutswe n’ibitambara vy’icatsi kibisi, n’ibisaswa bihinguwe neza, ntiworaba!
アラビア語 クルアーン注釈:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكُمَا تُكَذِّبَانِ
Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!
アラビア語 クルアーン注釈:
تَبَٰرَكَ ٱسۡمُ رَبِّكَ ذِي ٱلۡجَلَٰلِ وَٱلۡإِكۡرَامِ
Harakubahwa rero izina ry’Imana yawe Rurema, Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Nyenicubahiro kirengeye vyose, Nyenubugwaneza.
アラビア語 クルアーン注釈:
 
対訳 章: 慈悲深き者章
章名の目次 ページ番号
 
クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية - 対訳の目次

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

閉じる