Check out the new design

ការបកប្រែអត្ថន័យគួរអាន - ការបកប្រែជាភាសាគីរូនឌី - យូសុហ្វ ហ្គីហ៊ីទី * - សន្ទស្សន៍នៃការបកប្រែ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ការបកប្រែអត្ថន័យ ជំពូក​: ហ្គហ្វៀរ   អាយ៉ាត់:
قَالُوٓاْ أَوَلَمۡ تَكُ تَأۡتِيكُمۡ رُسُلُكُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِۖ قَالُواْ بَلَىٰۚ قَالُواْ فَٱدۡعُواْۗ وَمَا دُعَٰٓؤُاْ ٱلۡكَٰفِرِينَ إِلَّا فِي ضَلَٰلٍ
Abamalayika bazobishura n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega none, ntimwashikiriwe n’Intumwa zanyu mwarungikiwe, zikaza zibangikanije ivyemezo bitomoye, mukazihakana mwivuye inyuma!”. Na bo bazoheza bemange bati: “Ego cane zaradushikiriye!”. Ni ho ba bamalayika bazoca babiyama bati: “Kubera ivyo rero, twebwe ntiturota tubasabira, enda nimwisabire mwebwe nyene, ariko rero ntimwumvirwa ngo mutezurirwe kuko muri abagarariji, burya igisabisho c’abagarariji nta co kibashikanako, kiretse ko kiba impfagusa”.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
إِنَّا لَنَنصُرُ رُسُلَنَا وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَيَوۡمَ يَقُومُ ٱلۡأَشۡهَٰدُ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ni ukuri Turatabara Intumwa zacu hamwe n’abemeramana bazikurikiye, Tukabatera n’intege mu kwiganzura ababageramiye mu buzima bwo kw’isi. Ku musi w’izuka naho, abamalayika, Abavugishwamana n’abemeramana bazoba ivyabona, ko abahakanye bashikirijwe koko ubutumwa, baraheza barabuhakana;
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
يَوۡمَ لَا يَنفَعُ ٱلظَّٰلِمِينَ مَعۡذِرَتُهُمۡۖ وَلَهُمُ ٱللَّعۡنَةُ وَلَهُمۡ سُوٓءُ ٱلدَّارِ
Umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa rero, ivyireguzo vy’abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, nta co bizobamarira, baranagenewe ivumwe hamwe n’iherezo ribi mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡهُدَىٰ وَأَوۡرَثۡنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱلۡكِتَٰبَ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye Musa uburongozi muri Tawurati hamwe n’ibitangaro bishikana ku kuri; Turanaraga Bene Israyeli Igitabu ca Tawurati bagenda bahererekana uruvyaro ku rundi;
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
هُدٗى وَذِكۡرَىٰ لِأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Kugira nya Gitabu kibarongore mu nzira nziza y’ubugororotsi, giheze kibere n’urwibutso incabwenge koko.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
فَٱصۡبِرۡ إِنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞ وَٱسۡتَغۡفِرۡ لِذَنۢبِكَ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ بِٱلۡعَشِيِّ وَٱلۡإِبۡكَٰرِ
Ntumwa y’Imana! Niwirengagize rero ibangamira ry’ababangikanyamana, maze wihangane, uheze ushishikare irarikiramana, mu vy’ukuri isezerano ry’intsinzi wahawe n’Imana Allah, ni iry’ukuri; uheze usabe ikigongwe ku vyaha vyawe, wongere ushishikare kuninahaza mu gushimagiza Imana yawe Rurema Allah umugoroba n’igitondo.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
إِنَّ ٱلَّذِينَ يُجَٰدِلُونَ فِيٓ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ بِغَيۡرِ سُلۡطَٰنٍ أَتَىٰهُمۡ إِن فِي صُدُورِهِمۡ إِلَّا كِبۡرٞ مَّا هُم بِبَٰلِغِيهِۚ فَٱسۡتَعِذۡ بِٱللَّهِۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡبَصِيرُ
Mu vy’ukuri, abaharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ni ukuri baharira mu ntumbero yo kuburagiza ukuri ata n’icemezo bahawe gishingiye ku bumenyi, nta kiri mu gikiriza cabo, kiretse amanyama yo guhonyanga ukuri bakubona, ku gusharika Umuvugishwamana Muhamadi kw’iteka ry’ubutumwa yahawe, ivyo bikaba ata co bizobashikanako. Ntumwa y’Imana! Niwikinge ku Mana Allah Igukingire ishari ryabo, mu vy’ukuri ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo bakora, Izobibahembera.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
لَخَلۡقُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ أَكۡبَرُ مِنۡ خَلۡقِ ٱلنَّاسِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Ni ukuri iremwa ry’amajuru n’isi, rirahambaye kuruta iremwa ry’abantu n’isubizwa ry’ubuzima bwabo bakazuka kandi baramaze guhwera, ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ko iremwa ry’ivyo vyose ryoroshe ku Mana Allah.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
وَمَا يَسۡتَوِي ٱلۡأَعۡمَىٰ وَٱلۡبَصِيرُ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَلَا ٱلۡمُسِيٓءُۚ قَلِيلٗا مَّا تَتَذَكَّرُونَ
Nta ho vyakabaye ko impumyi n’uwubona bonganya ubutore. Ni nk’uko nyene rero abemeye ko Allah ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa, bakumvira n’Intumwa zayo, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, ata ho banganiye mu butore n’abatemera ko Allah ari Imana Imwe Rudende, bagahakana n’Intumwa zayo, bakarenga no ku mabwirizwa yayo. Bantu! Burya ni gake mwibuka ivyemezo vy’Imana Allah, mukanyurwa.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
 
ការបកប្រែអត្ថន័យ ជំពូក​: ហ្គហ្វៀរ
សន្ទស្សន៍នៃជំពូក លេខ​ទំព័រ
 
ការបកប្រែអត្ថន័យគួរអាន - ការបកប្រែជាភាសាគីរូនឌី - យូសុហ្វ ហ្គីហ៊ីទី - សន្ទស្សន៍នៃការបកប្រែ

ការបកប្រែដោយយូសុហ្វ ហ្គហ៊ីទី - ចេញផ្សាយដោយវិទ្យាស្ថានទ្វីបអាហ្វ្រិកសម្រាប់ការអភិវឌ្ឍ

បិទ