Check out the new design

ការបកប្រែអត្ថន័យគួរអាន - ការបកប្រែជាភាសាគីរូនឌី - យូសុហ្វ ហ្គីហ៊ីទី * - សន្ទស្សន៍នៃការបកប្រែ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ការបកប្រែអត្ថន័យ ជំពូក​: អាល់អាក់រ៉ហ្វ   អាយ៉ាត់:
وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ جَعَلَكُمۡ خُلَفَآءَ مِنۢ بَعۡدِ عَادٖ وَبَوَّأَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ تَتَّخِذُونَ مِن سُهُولِهَا قُصُورٗا وَتَنۡحِتُونَ ٱلۡجِبَالَ بُيُوتٗاۖ فَٱذۡكُرُوٓاْ ءَالَآءَ ٱللَّهِ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ
Nimwibuke kandi inema Imana Allah Yabahaye, igihe Yabaha kubaho mukurakuranwa inyuma y’aho Ihonereje Bene Aadi, Iranabatsimbataza kw’isi mu kwishira n’ukwizana, aho mwubaka inyubakwa amahanga mu kabande, mukanabaza ayandi mazu mu misozi. Kubera ivyo rero, nimwibuke inema Imana Allah Yabahaye, muheze muyishimire, kandi ntimuzogenzwe n’ubwononyi kw’isi".
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
قَالَ ٱلۡمَلَأُ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُواْ مِن قَوۡمِهِۦ لِلَّذِينَ ٱسۡتُضۡعِفُواْ لِمَنۡ ءَامَنَ مِنۡهُمۡ أَتَعۡلَمُونَ أَنَّ صَٰلِحٗا مُّرۡسَلٞ مِّن رَّبِّهِۦۚ قَالُوٓاْ إِنَّا بِمَآ أُرۡسِلَ بِهِۦ مُؤۡمِنُونَ
Abarongoye abagira amanyama bakihambaza mu bantu biwe, babwiye abemeramana mu bacinyijwe n’agasuzuguro n'akantu bati: “Mbega murazi vy’ukuri ko Swalehe yarungitswe n’Imana yiwe Rurema Allah kuri twebwe!”. Barishuye ata gukekeranya bati: “Twebwe mu vy’ukuri turemanga, tukemera, tukanubahiriza ivyo yarungikanwe n’Imana Allah”.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
قَالَ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُوٓاْ إِنَّا بِٱلَّذِيٓ ءَامَنتُم بِهِۦ كَٰفِرُونَ
Abarongoye abagira amanyama bakihambaza bavuze bati: “Twebwe, mu vy’ukuri turagararije ivyo mwemanze mukemera”.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
فَعَقَرُواْ ٱلنَّاقَةَ وَعَتَوۡاْ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِمۡ وَقَالُواْ يَٰصَٰلِحُ ٱئۡتِنَا بِمَا تَعِدُنَآ إِن كُنتَ مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Ni ko guca rero baca imitsi ya nya ngamiya irahwera, bahonyanga ku bwishime ibwirizwa ry’Imana yabo Rurema Allah ryo kutayikomakoma ku nabi, baca babwira Swalehe bati: “Ewe Swalehe! Duhe rero vya bihano udusezeranira niwaba uri mu Ntumwa z’Imana Allah!”.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلرَّجۡفَةُ فَأَصۡبَحُواْ فِي دَارِهِمۡ جَٰثِمِينَ
Ni ho rero Imana Allah Yabahanisha nyamugigima y’akataraboneka, bazinduka bose mu mazu yabo bahonye, ari ibiziga vyibereye aho.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
فَتَوَلَّىٰ عَنۡهُمۡ وَقَالَ يَٰقَوۡمِ لَقَدۡ أَبۡلَغۡتُكُمۡ رِسَالَةَ رَبِّي وَنَصَحۡتُ لَكُمۡ وَلَٰكِن لَّا تُحِبُّونَ ٱلنَّٰصِحِينَ
Bamaze guca imitsi ya nya ngamiya, Swalehe yarabirengagije hanyuma ababwira ati: “Bantu banje! Ni ukuri, narabashikirije ubutumwa bw’Imana yanje Rurema Allah, nita ku rutare ndanabahanura, ariko rero mwebwe ntimukunda ababahanura”.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
وَلُوطًا إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَتَأۡتُونَ ٱلۡفَٰحِشَةَ مَا سَبَقَكُم بِهَا مِنۡ أَحَدٖ مِّنَ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Luutwi yabwira abantu biwe ati: “Murakenyeye mukore icaha c’agahomerabunwa kitigeze gikorwa aho hambere yanyu n’umuntu n’umwe mu biremwa!
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
إِنَّكُمۡ لَتَأۡتُونَ ٱلرِّجَالَ شَهۡوَةٗ مِّن دُونِ ٱلنِّسَآءِۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٞ مُّسۡرِفُونَ
Mu vy’ukuri, mwebwe murangurana amabanga y’abubatse n’abagabo nkamwe, mukirengagiza abakenyezi mwarekuriwe n’Imana Allah ko mworangurana amabanga y’abubatse, ahubwo rero mwebwe muri abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa mu gutururuza ibishobisho ”.
តាហ្វសៀរជាភាសា​អារ៉ាប់ជាច្រេីន:
 
ការបកប្រែអត្ថន័យ ជំពូក​: អាល់អាក់រ៉ហ្វ
សន្ទស្សន៍នៃជំពូក លេខ​ទំព័រ
 
ការបកប្រែអត្ថន័យគួរអាន - ការបកប្រែជាភាសាគីរូនឌី - យូសុហ្វ ហ្គីហ៊ីទី - សន្ទស្សន៍នៃការបកប្រែ

ការបកប្រែដោយយូសុហ្វ ហ្គហ៊ីទី - ចេញផ្សាយដោយវិទ្យាស្ថានទ្វីបអាហ្វ្រិកសម្រាប់ការអភិវឌ្ឍ

បិទ