Check out the new design

ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ * - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಯೂನುಸ್   ಶ್ಲೋಕ:
وَإِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَاتُنَا بَيِّنَٰتٖ قَالَ ٱلَّذِينَ لَا يَرۡجُونَ لِقَآءَنَا ٱئۡتِ بِقُرۡءَانٍ غَيۡرِ هَٰذَآ أَوۡ بَدِّلۡهُۚ قُلۡ مَا يَكُونُ لِيٓ أَنۡ أُبَدِّلَهُۥ مِن تِلۡقَآيِٕ نَفۡسِيٓۖ إِنۡ أَتَّبِعُ إِلَّا مَا يُوحَىٰٓ إِلَيَّۖ إِنِّيٓ أَخَافُ إِنۡ عَصَيۡتُ رَبِّي عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ
Ababangikanyamana iyo basomewe Aayah zacu Twebwe Allah zitomoye, abatizeye ko bazozuka bagahura na Twe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze, baca binamura bakavuga bati: “Enda nyabuna, zana iyindi Qor’ani atari iyi canke uhindure ingingo zirimwo[5]”. Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Sindekuriwe kugira na kimwe mpinduye muri Qor’ani, nshira mu ngiro nkubahiriza ivyo mpishuriwe n’Imana Allah; jewe mu vy’ukuri, ndatinya mu gihe noca kubiri n’amabwirizwa y’Imana yanje Rurema Allah, ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka”.
[5] Uheze uzirure ibiziririjwe, uziririze n’ibiziruye, ahavugwa igabisha ku bihano havugwe ihumuriza ku kigongwe c’Imana Rurema Allah, wongere ureke kunebagura ibigirwamana vyacu.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قُل لَّوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَا تَلَوۡتُهُۥ عَلَيۡكُمۡ وَلَآ أَدۡرَىٰكُم بِهِۦۖ فَقَدۡ لَبِثۡتُ فِيكُمۡ عُمُرٗا مِّن قَبۡلِهِۦٓۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Ntumwa y'Imana! Ishura abo babangikanyamana uti: Imana Allah iyo Ishaka, sinari kubasomera Qor’ani, eka ntiyari no kuyibamenyesha namba, ni ukuri murazi neza ko nabanye na mwe igihe kirekire, sinari bwigere ndabasomera Qor’ani imbere yuko ndayihishurirwa. Mbega none ntimugira ubwenge ngo mutahure koko, ko Qor’ani ari ukuri kuzima!
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ
Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah canke uwuhakana yivuye inyuma Aayah zayo. Mu vy’ukuri, abanyavyaha bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo, ntibazokwigera baroranirwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَيَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَضُرُّهُمۡ وَلَا يَنفَعُهُمۡ وَيَقُولُونَ هَٰٓؤُلَآءِ شُفَعَٰٓؤُنَا عِندَ ٱللَّهِۚ قُلۡ أَتُنَبِّـُٔونَ ٱللَّهَ بِمَا لَا يَعۡلَمُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَلَا فِي ٱلۡأَرۡضِۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ibigirwamana ata na kimwe bibamariye mu gihe babisenze, eka ata n’ico bibiciye mu gihe boreka kubisenga[6], bakanavuga bigovyora ngo ibi bigirwamana, tubisenga kugira gusa bituvugire ku Mana Allah! Ntumwa y'Imana! Babwire uti: “Mbega none mubwira Imana Allah ko bibavugira kuri Yo, kandi Yoyo Itazi ko iryo vugira ribaho mu majuru no mw’isi! [7]”. Imana Allah Nininahazwe, Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya.
[6] Haba kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
[7] Iyo biba vyo, ko ibigirwamana bishobora kubavugira ku Mana Allah, Imana Allah Yari kuba Ibizi kubasumba.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَمَا كَانَ ٱلنَّاسُ إِلَّآ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ فَٱخۡتَلَفُواْۚ وَلَوۡلَا كَلِمَةٞ سَبَقَتۡ مِن رَّبِّكَ لَقُضِيَ بَيۡنَهُمۡ فِيمَا فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ
Abantu bose burya bari mw’idini rimwe ry’ubwislamu hanyuma bicamwo imigwi, gutyo muri bo habamwo abagarariji, habamwo n’abagumye mu bwislamu. Iyo rero hataba ijambo ry’impuhwe zo kutihutira guhana ibigaba rivuye ku Mana yawe Rurema Allah, ni ukuri abagarariji bari guhanwa bagahona, maze hagasigara gusa abagororotsi.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَيَقُولُونَ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ ءَايَةٞ مِّن رَّبِّهِۦۖ فَقُلۡ إِنَّمَا ٱلۡغَيۡبُ لِلَّهِ فَٱنتَظِرُوٓاْ إِنِّي مَعَكُم مِّنَ ٱلۡمُنتَظِرِينَ
Abagarariji bavuga ku guhakana n'akantu bati: “Muhamadi ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Ubumenyi bw’ibinyegejwe, ni ubw’Imana Allah, ni Yo Izi igihe bikenerwa ko Imanura ikimenyetso gifadika. Kubera ivyo rero, nimurindire ingingo y’Imana Allah ku bigaba canke ku bagororotsi, nanje mu vy’ukuri ndarindiriye hamwe na mwe”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
 
ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಯೂನುಸ್
ಅಧ್ಯಾಯಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ ಪುಟ ಸಂಖ್ಯೆ
 
ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ. ಪ್ರಕಾಶನ - ಆಫ್ರಿಕನ್ ಅಭಿವೃದ್ಧಿ ಪ್ರತಿಷ್ಠಾನ

ಮುಚ್ಚಿ