ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - الترجمة الكيروندية * - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಸೂರ ಅಲ್- ಹಿಜ್ರ್   ಶ್ಲೋಕ:

SURATU L-HIJR

الٓرۚ تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ وَقُرۡءَانٖ مُّبِينٖ
Alif Laam Raa [319]. Izi ni Aayah z’Igitabu, ico Gitabu kikaba ari yo Qor’ani itomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, ikaba inatomoye neza kandi no mu burongozi bwayo.
[319] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
رُّبَمَا يَوَدُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَوۡ كَانُواْ مُسۡلِمِينَ
Igihe abagarariji babonye ibigaba mu bislamu bitezuriwe bikava mu muriro wa Jahannamu, bazokwicuza igituma batabaye abislamu.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
ذَرۡهُمۡ يَأۡكُلُواْ وَيَتَمَتَّعُواْ وَيُلۡهِهِمُ ٱلۡأَمَلُۖ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Reka abagarariji barye baryame, bidagadure baryoherwe gato n’ubuzima bw’isi, maze basamazwe no guhurumbira kwegeranya ivy’isi ha kugamburukira Imana Allah; bitebe bitebuke, bazomenya neza iherezo ryabo, ko ari ribi.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَمَآ أَهۡلَكۡنَا مِن قَرۡيَةٍ إِلَّا وَلَهَا كِتَابٞ مَّعۡلُومٞ
Nibaba rero bakugarariza ku gushaka kwihutira guhanwa, nibamenye ko ata ho Twigeze guhana abanyagacimbiri ngo Tubahonye, kiretse igihe isango ry’ihonywa ryabo rigeze.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
مَّا تَسۡبِقُ مِنۡ أُمَّةٍ أَجَلَهَا وَمَا يَسۡتَـٔۡخِرُونَ
Nta mugwi n’umwe rero w’abantu wigeze guhanwa isango ry’ihanwa ryawo ritaragera, eka nta n’uwigeze guhanwa isango ry’ihanwa ryawo ryarenganye.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَقَالُواْ يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِي نُزِّلَ عَلَيۡهِ ٱلذِّكۡرُ إِنَّكَ لَمَجۡنُونٞ
Abagarariji babwiye Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) batebura bati: “Ewe muntu wamanuriwe Qor’ani, wewe mu vy’ukuri warakehewe n’ubwenge;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
لَّوۡمَا تَأۡتِينَا بِٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ
Ubwo ntiwari gupfuma utumanurira abamalayika bemeza ukuri kwawe niwaba uri mu mvugakuri!”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
مَا نُنَزِّلُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَمَا كَانُوٓاْ إِذٗا مُّنظَرِينَ
Imana Allah Yaciye Ibishura Iti: “Burya Twebwe Allah, ntitumanura abamalayika, kiretse mu gihe hageze ihanwa ry’abagarariji vy’ukuri. Muri ico gihe rero, ntitunatenyenya na gato kubahana;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِنَّا نَحۡنُ نَزَّلۡنَا ٱلذِّكۡرَ وَإِنَّا لَهُۥ لَحَٰفِظُونَ
Mu vy’ukuri ni Twebwe Allah, Twahishuriye Qor’ani Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi ni Twebwe nyene Twishinze kuyibungabunga; nta kizokwongerwamwo nta n’ikizokurwamwo, eka ntizogenda amazimayongo”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ فِي شِيَعِ ٱلۡأَوَّلِينَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twararungitse aho hambere yawe Intumwa ku migwi y’abantu itandukanye;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Nta Ntumwa n’imwe muri zo rero yigeze ibashikira, kiretse ko bahora bayiteburako.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
كَذَٰلِكَ نَسۡلُكُهُۥ فِي قُلُوبِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ
Ni nk’uko nyene rero - Twateye ikimangu c’ubugarariji ku mitima yabo kubera itebura ryabo - Dutera ikimangu c’ubugarariji mu mitima y’abanyavyaha bakugarariza;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
لَا يُؤۡمِنُونَ بِهِۦ وَقَدۡ خَلَتۡ سُنَّةُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Ntibemere Qor’ani wamanuriwe, ni na kwo Imana Allah Yamye Ibigenza mu guhonya imigwi y’abagarariji bo hambere yawe.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلَوۡ فَتَحۡنَا عَلَيۡهِم بَابٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ فَظَلُّواْ فِيهِ يَعۡرُجُونَ
N’iyo Tuza kwugururira abagarariji b’i Makka umuryango ugana mw’ijuru, maze bakawudugiramwo kugira bibonere ukuri kwamye ibitangaro vyacu, ntibari kwemera namba;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
لَقَالُوٓاْ إِنَّمَا سُكِّرَتۡ أَبۡصَٰرُنَا بَلۡ نَحۡنُ قَوۡمٞ مَّسۡحُورُونَ
Ni ukuri, bari kuvuga bati: “Mu vy'ukuri twahunitswe, ibi tubona n’amaso si ivy’ukuri na gato, ahubwo mbere twebwe twarozwe”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلَقَدۡ جَعَلۡنَا فِي ٱلسَّمَآءِ بُرُوجٗا وَزَيَّنَّٰهَا لِلنَّٰظِرِينَ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarashize mw’ijuru riri hafi y’isi inzira-ntasobwa z’inyenyeri, kugira nya nyenyeri zibere abantu ibimenyetso vyo kumenya inzira, umwanya, ibihe vy’agatasi n’ici, Turanaheza Tuzigira ibisharizo bisharije isi ku bitegereza;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَحَفِظۡنَٰهَا مِن كُلِّ شَيۡطَٰنٖ رَّجِيمٍ
Twaranakingiye ijuru ribegereye ngo ntirivogerwe na shetani yavumwe;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِلَّا مَنِ ٱسۡتَرَقَ ٱلسَّمۡعَ فَأَتۡبَعَهُۥ شِهَابٞ مُّبِينٞ
Kiretse iyigerageje mu mashetani gusuma urusaku ku nkuru z’ibiremwa vyo mw’ijuru, iyo iraheza igaterwa inyenyeri nyakotsi yakaka, ikayiturira [320].
[320] Hari igihe bishika ko shetani isuma urusaku ku nkuru z’ibibera mw’ijuru, ikanarungikira indongozi yayo zimwe muri nya nkuru imbere yuko iterwa inyenyeri nyakotsi, ikayiturira.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَٱلۡأَرۡضَ مَدَدۡنَٰهَا وَأَلۡقَيۡنَا فِيهَا رَوَٰسِيَ وَأَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ شَيۡءٖ مَّوۡزُونٖ
Isi na yo nyene Twarayaguye, Turaheza Tuyiremako imisozi iyishigikiye nk’imambo, Tuyimezako amoko y’ibintu vyose nkenerwa ku rugero rugezwe neza, rutarenga ntirurenguke.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَجَعَلۡنَا لَكُمۡ فِيهَا مَعَٰيِشَ وَمَن لَّسۡتُمۡ لَهُۥ بِرَٰزِقِينَ
Turanabaremera ivyotuma muba kw’isi mu biterwa n’ibitungwa, n’ibindi. Twarabaremeye n’uruvyaro, abakozi n’ibitwazi mwikorako; ivyo vyose bikaba bibeshejweho n’Imana Allah, mbere si na mwe mujejwe icobibeshaho.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَإِن مِّن شَيۡءٍ إِلَّا عِندَنَا خَزَآئِنُهُۥ وَمَا نُنَزِّلُهُۥٓ إِلَّا بِقَدَرٖ مَّعۡلُومٖ
Nta kintu na kimwe nkenerwa rero ku neza y’ibiremwa, kiretse ko ibigega vyaco biri iwacu Twebwe Imana Allah, kandi ntitunaronsa nya biremwa ibibibeshaho, kiretse ku rugero rwagezwe, ruzwi.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَأَرۡسَلۡنَا ٱلرِّيَٰحَ لَوَٰقِحَ فَأَنزَلۡنَا مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَسۡقَيۡنَٰكُمُوهُ وَمَآ أَنتُمۡ لَهُۥ بِخَٰزِنِينَ
Twaranaremye umuyaga Turungika kugira ubangurire ibicu maze imvura ikagwa, ukabangurira n’ibiterwa mu gihe bishuritse, ukongera ugasunika ibicu vy’imvura aho Dushatse ko imvura igwa, gutyo Tugatuma nya mvura ivuye muri nya bicu igwa, Tukabanywesha kuri nya mazi y’imvura, mukanavomera n’indimo zanyu mukananywesha n’ibitungwa vyanyu. Iyo mvura rero, ntimushoboye namba gutuma igwa ku gihe mushakiye.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَإِنَّا لَنَحۡنُ نُحۡيِۦ وَنُمِيتُ وَنَحۡنُ ٱلۡوَٰرِثُونَ
Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Dushoboye gusubiza ubuzima ikiremwa mu gihe gipfuye, ni na Twebwe nyene Dushoboye kwaka ubuzima ikiremwa mu gihe isango ryo gupfa rigeze, ni na Twebwe Samuragwa w’isi n’ibiri kuri yo.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلَقَدۡ عَلِمۡنَا ٱلۡمُسۡتَقۡدِمِينَ مِنكُمۡ وَلَقَدۡ عَلِمۡنَا ٱلۡمُسۡتَـٔۡخِرِينَ
Ni ukuri, Turazi neza na neza abamaze gupfa muri mwebwe kuva kuri Adamu, Turazi neza na neza n’abakiri bazima gushika ku musi w’iherezo ry’ibiremwa.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَإِنَّ رَبَّكَ هُوَ يَحۡشُرُهُمۡۚ إِنَّهُۥ حَكِيمٌ عَلِيمٞ
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izokwegeraniriza hamwe ibiremwa vyose kugira Ibiharurire, Yongere Inabihembe. Mu vy’ukuri, ni Yo Ntungane mu vyo Ikora; Nyenubumenyikurivyose.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِن صَلۡصَٰلٖ مِّنۡ حَمَإٖ مَّسۡنُونٖ
Ni ukuri, Twaremye Adamu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahindutse ibara rikirabura, rigahindura n’akamoto.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَٱلۡجَآنَّ خَلَقۡنَٰهُ مِن قَبۡلُ مِن نَّارِ ٱلسَّمُومِ
Na Ibilisi [321] ikaba ari na yo nkomoko y’amajini, Twayiremye mu rubeya rw’umuriro rutagira umwotsi, hari imbere y’irema rya Adamu;
[321] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu Majini, kiba ari na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu Majini rero, harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَإِذۡ قَالَ رَبُّكَ لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ إِنِّي خَٰلِقُۢ بَشَرٗا مِّن صَلۡصَٰلٖ مِّنۡ حَمَإٖ مَّسۡنُونٖ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwiriza abamalayika hamwe na Ibilisi Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Ngira Ndeme umuntu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahindutse ibara rikirabura, rigahinduka n’akamoto;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَإِذَا سَوَّيۡتُهُۥ وَنَفَخۡتُ فِيهِ مِن رُّوحِي فَقَعُواْ لَهُۥ سَٰجِدِينَ
Ninamara kumurema Nkatunganya indemo, Nkamuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho”, muraheza muce mumwubamira, mumuhe icubahiro kimukwiye”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَسَجَدَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ كُلُّهُمۡ أَجۡمَعُونَ
Abamalayika bose rero, baciye bubahiriza iryo bwirizwa baramwubamira, bamuha icubahiro kimukwiye;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِلَّآ إِبۡلِيسَ أَبَىٰٓ أَن يَكُونَ مَعَ ٱلسَّٰجِدِينَ
Ariko Ibilisi yaranse kwubamira Adamu ari kumwe n’abamalayika bamwubamiye.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ يَٰٓإِبۡلِيسُ مَا لَكَ أَلَّا تَكُونَ مَعَ ٱلسَّٰجِدِينَ
Imana Allah Yarabajije Ibilisi Iti: “Wafashwe n'igiki catumye utubama hamwe n’abamalayika?”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ لَمۡ أَكُن لِّأَسۡجُدَ لِبَشَرٍ خَلَقۡتَهُۥ مِن صَلۡصَٰلٖ مِّنۡ حَمَإٖ مَّسۡنُونٖ
Ibilisi yarireguye ku Mana Allah n’ubwishime n’akantu ati: “Sinshobora kwubamira umuntu Waremye mw’ivu ryumye rikumagana nk’ikinonko, ryahinduye ibara rikirabura, rigahindura n’akamoto”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ فَٱخۡرُجۡ مِنۡهَا فَإِنَّكَ رَجِيمٞ
Imana Allah Ica Ibwira Ibilisi Iti: “Kuri iyo mvo rero, va mu Bwami bw’ijuru kuko wewe mu vy’ukuri uri ikivume;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَإِنَّ عَلَيۡكَ ٱللَّعۡنَةَ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلدِّينِ
Kandi mu vy’ukuri, ivumwe rizokwagira gushika ku musi w’impera y’ibiremwa igihe vyazutse”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ رَبِّ فَأَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ
Ibilisi araheza aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye rero kuramba gushika ku musi w’izuka ry’ibiremwa [322]”.
[322] Igihe ibiremwa vyose vyahonye ku musi w’umuhero w’isi, sinzobe ndimwo.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ فَإِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ
Imana Allah Yishuye Ibilisi Iti: “Wewe mu vy’ukuri, uri mu bazoramba;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡوَقۡتِ ٱلۡمَعۡلُومِ
Gushika ku musi w’umuhero w’isi [323], si ku musi w’izuka ry’ibiremwa”.
[323] Igihe havugijwe inzamba yo guhonya ibiremwa vyose, na wewe nyene uzoba urimwo.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ رَبِّ بِمَآ أَغۡوَيۡتَنِي لَأُزَيِّنَنَّ لَهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَأُغۡوِيَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Ibilisi araheza avuga n’agahigihigi ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ku kubera ukuntu Wampubishije, ni ukuri nzoryohereza uruvyaro rwa Adamu gukora ivyaha kw’isi; kandi ni ukuri, nzokwita ku rutare ndabahubishe bose inzira yawe;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِلَّا عِبَادَكَ مِنۡهُمُ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Kiretse abaja bawe Warongoye muri nya ruvyaro, bagaheza bakagutumbera mu vyo bakora vyose”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ هَٰذَا صِرَٰطٌ عَلَيَّ مُسۡتَقِيمٌ
Imana Allah Isubizayo Iti: “Ng’iyi rero inzira igana kuri Jewe, igororotse;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِنَّ عِبَادِي لَيۡسَ لَكَ عَلَيۡهِمۡ سُلۡطَٰنٌ إِلَّا مَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡغَاوِينَ
Mu vy’ukuri abaja banje, bazontumbera mu vyo bakora vyose, nta bubasha namba uzoba ubafiseko mu kubahubisha inzira yanje; ariko uzogira ububasha bwo gutera inyoshambi abazogukurikira mu bahuvye, bakirengagiza inzira yanje;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَإِنَّ جَهَنَّمَ لَمَوۡعِدُهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Mu vy’ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ryo sango ry’ihuriro rya Ibilisi n’abazomukurikira bose;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
لَهَا سَبۡعَةُ أَبۡوَٰبٖ لِّكُلِّ بَابٖ مِّنۡهُمۡ جُزۡءٞ مَّقۡسُومٌ
Uwo muriro rero, ufise imiryango indwi igerekeranye gushika mu nyenga zawo. Umuryango umwe wose muri yo, wagenewe umugwi kanaka mu bakurikiye Ibilisi, hisunzwe uburemere bw’ivyaha vyawo”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٖ وَعُيُونٍ
Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye, ikikijwe n’inzuzi zitemba mu Bwami bw’ijuru;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
ٱدۡخُلُوهَا بِسَلَٰمٍ ءَامِنِينَ
Bazobwirwa bati: “Nimwinjire mu Bwami bw’ijuru mw’iteka n’itekane”;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَنَزَعۡنَا مَا فِي صُدُورِهِم مِّنۡ غِلٍّ إِخۡوَٰنًا عَلَىٰ سُرُرٖ مُّتَقَٰبِلِينَ
Tuzoheza rero Tweze imishaha yabo, ntizogira inzigo n’urwanko namba, bazoba muri nya Bwami bw’ijuru ari abavandimwe bakundana, bicaye barabana ku bitanda vy’inyegamo vy’iteka;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
لَا يَمَسُّهُمۡ فِيهَا نَصَبٞ وَمَا هُم مِّنۡهَا بِمُخۡرَجِينَ
Muri nya Bwami bw’ijuru rero, ntibazoruha ngo bagire ubute, eka ntibazonigera babukurwamwo.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
۞ نَبِّئۡ عِبَادِيٓ أَنِّيٓ أَنَا ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ
Ntumwa y’Imana! Iganira abaja banje ko mu vy’ukuri, ari Jewe Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni banje;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَأَنَّ عَذَابِي هُوَ ٱلۡعَذَابُ ٱلۡأَلِيمُ
N’uko mu vy’ukuri, ibihano vyanje ari vyo bihano bibabaza.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَنَبِّئۡهُمۡ عَن ضَيۡفِ إِبۡرَٰهِيمَ
Biganire kandi inkuru y’abashitsi mu bamalayika bigeze kugendera Ibrahimu, bakaza mw’ishusho ry’abantu;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِذۡ دَخَلُواْ عَلَيۡهِ فَقَالُواْ سَلَٰمٗا قَالَ إِنَّا مِنكُمۡ وَجِلُونَ
Igihe binjira kwa Ibrahimu bagaca bamuramutsa bati: “Nimugire amahoro”, maze na we akabishura ati: “Nimusangwe ayandi”, araheza arabazimana baranka gufungura, aca ababwira ati: “Mu vy’ukuri, muraduteye impungenge!”;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالُواْ لَا تَوۡجَلۡ إِنَّا نُبَشِّرُكَ بِغُلَٰمٍ عَلِيمٖ
Ba bashitsi bahumuriza Ibrahimu bati: “Ntugire impungenge na gato, mu vy’ukuri, twaje kuguhumuriza mu kugushikiriza agakuru keza ko uzokwibaruka umwana w’incabwenge mw’idini yitwa Is-haka”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ أَبَشَّرۡتُمُونِي عَلَىٰٓ أَن مَّسَّنِيَ ٱلۡكِبَرُ فَبِمَ تُبَشِّرُونَ
Ibrahimu aca aritangaza ati: “Mbega yemwe mumpumuriza mu kunshikiriza agakuru keza ko nzokwibaruka, kandi naramaze gusaza jewe n’umukenyezi wanje. Igitangaro kiri aho!”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالُواْ بَشَّرۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ فَلَا تَكُن مِّنَ ٱلۡقَٰنِطِينَ
Ba bashitsi mu bamalayika bamwishura bati: “Burya tugushikirije agakuru keza! Iyi ni inkuru y’ukuri ivuye ku Mana yawe Allah, ntukabe rero mu bihebura ko batokwibaruka mu busaza”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ وَمَن يَقۡنَطُ مِن رَّحۡمَةِ رَبِّهِۦٓ إِلَّا ٱلضَّآلُّونَ
Ibrahimu aca abishura ati: “Mbega ni nde yokwihebura ku mpuhwe z’Imana yiwe Rurema Allah, kiretse abahuvye inzira yayo!”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ فَمَا خَطۡبُكُمۡ أَيُّهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ
Ni ho rero Ibrahimu yaca ababaza ati: “None ga Ntumwa z’abamalayika! Mugenzwa n’amaki?”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالُوٓاْ إِنَّآ أُرۡسِلۡنَآ إِلَىٰ قَوۡمٖ مُّجۡرِمِينَ
Za Ntumwa z’abamalayika ziramwishura ziti: “Twebwe mu vy’ukuri, twarungitswe n’Imana Allah kuja guhonya abantu ba Luutwi, b’abanyavyaha;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِلَّآ ءَالَ لُوطٍ إِنَّا لَمُنَجُّوهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Kiretse umuryango wa Luutwi n’abamwemeye, abo dutegerezwa kubarokora bose mu bihano;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِلَّا ٱمۡرَأَتَهُۥ قَدَّرۡنَآ إِنَّهَا لَمِنَ ٱلۡغَٰبِرِينَ
Havuyemwo umugore wa Luutwi kuko yaramaze guhakana. Ivyagezwe kuri we, ni uko na we nyene ari mu bahanwa”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَلَمَّا جَآءَ ءَالَ لُوطٍ ٱلۡمُرۡسَلُونَ
Igihe izo ntumwa z’abamalayika zishika ku muryango wa Luutwi;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ إِنَّكُمۡ قَوۡمٞ مُّنكَرُونَ
Luutwi yazibwiye ati: “Mu vy’ukuri, sinamenye abo muri”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالُواْ بَلۡ جِئۡنَٰكَ بِمَا كَانُواْ فِيهِ يَمۡتَرُونَ
Za ntumwa ziramutururuza ziti: “Ntugire ubwoba namba, ahubwo twaje gushira mu ngiro ibihano ku bantu bawe bahora bahakana ko vyobashikira;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَأَتَيۡنَٰكَ بِٱلۡحَقِّ وَإِنَّا لَصَٰدِقُونَ
Twaje rero vy’ukuri iwawe, turungitswe n’Imana Allah. Kandi ni ukuri, ivyo tukwiganiye ni ivy’ukuri;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَأَسۡرِ بِأَهۡلِكَ بِقِطۡعٖ مِّنَ ٱلَّيۡلِ وَٱتَّبِعۡ أَدۡبَٰرَهُمۡ وَلَا يَلۡتَفِتۡ مِنكُمۡ أَحَدٞ وَٱمۡضُواْ حَيۡثُ تُؤۡمَرُونَ
Kubera ivyo rero muri iri joro, urimuka wewe n’umuryango wawe hamwe n’abemeramana, maze ugende mu nyuma zabo kugira ntihagire n’umwe muri bo asigara, kandi ntihagire n’umwe muri mwebwe ahindukira ngo arabe inyuma, muheze mugende munyaragasa gushika aho mutegetswe kuba muri mu mahoro”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَقَضَيۡنَآ إِلَيۡهِ ذَٰلِكَ ٱلۡأَمۡرَ أَنَّ دَابِرَ هَٰٓؤُلَآءِ مَقۡطُوعٞ مُّصۡبِحِينَ
Twebwe Allah Turaheza Duhishurira Luutwi rero ko ihonywa ry’abantu biwe yarungitsweko, riba mu mutwenzi.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَجَآءَ أَهۡلُ ٱلۡمَدِينَةِ يَسۡتَبۡشِرُونَ
Abantu bo mu gisagara ca Luutwi, aho bumviye ko kwa Luutwi haje abashitsi, baraje banezerewe ko baronse abagabo bipfuza ha kwipfuza abagore.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ ضَيۡفِي فَلَا تَفۡضَحُونِ
Luutwi, ni ho yamama akavuga ati: “Ni ukuri, aba ni abashitsi banje, ndabinginze ntimumaramaze imbere y’abashitsi banje;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَلَا تُخۡزُونِ
Nimutinye ibihano vy’Imana Allah, reka ntimuntetereze mu gushira isoni ku bashitsi banje”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالُوٓاْ أَوَلَمۡ نَنۡهَكَ عَنِ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ba bantu baraheza babwira Luutwi bamushinyaguriza bati: “Ntitwakubujije kwakira abantu b’ingenz i[324]”.
[324] Abo bantu, bari barihanije Luutwi ko atokwakira abantu b’ingenzi kuko bahora bategera ingenzi bakazifata ku nguvu.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ هَٰٓؤُلَآءِ بَنَاتِيٓ إِن كُنتُمۡ فَٰعِلِينَ
Luutwi aca arabiyama ababwira ati: “Ng’aba abakobwa banje [325] ndababashingiye nimwaba mushaka kwabira ha kwipfuza abagabo!
[325] Muri iyi Aayah abagore, Imana Allah Yabise abakobwa ba Luutwi kuko Intumwa yarungitswe ku bantu, ifatwa nka se wabo.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
لَعَمۡرُكَ إِنَّهُمۡ لَفِي سَكۡرَتِهِمۡ يَعۡمَهُونَ
Ntumwa y’Imana! Ndarahiye ku cubahiro c’ubuzima bwawe [326] ko abantu barungikiwe Luutwi, bari baragoswe bakaguma bajuragirika;
[326] Imana Allah Irarahira ku kintu ico ari co cose Ishatse, mu ntumbero yo kwerekana icubahiro ca nya kintu. Nayo umuntu, ntarekuriwe kurahira ku kintu na kimwe mu biremwa, arahira gusa kw’izina ry’Imana Allah.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّيۡحَةُ مُشۡرِقِينَ
Gushika n’aho bahitanwa mu bucagucagu n’ibihano bihonya.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَجَعَلۡنَا عَٰلِيَهَا سَافِلَهَا وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِمۡ حِجَارَةٗ مِّن سِجِّيلٍ
Ni ho rero Twebwe Allah, Twabubikako isi y’aho baba, hejuru haja mu kuzimu, Duca Tuhacucagira amabuye ahiye y’urutavanako.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّلۡمُتَوَسِّمِينَ
Ni ukuri muri iryo hona ryabo, harimwo ivyemezo vyotuma abantu biyumvira bakikebuka;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَإِنَّهَا لَبِسَبِيلٖ مُّقِيمٍ
Mu vy’ukuri, igisagara cabo kiri ku nzira irengana kuri bose, abahaca barashobora kubona nya gisagara.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ
Ni ukuri muri iryo hona ryabo, harimwo ivyemezo bigaragaza ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah ku bemeramana bubahiriza amabwirizwa yayo.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَإِن كَانَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡأَيۡكَةِ لَظَٰلِمِينَ
Ni ukuri, abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye, barirenganije mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa yayo Shu’ayibu;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَٱنتَقَمۡنَا مِنۡهُمۡ وَإِنَّهُمَا لَبِإِمَامٖ مُّبِينٖ
Duca Turabibahora mu kubahanisha nyamugigima. Kukaba nkako, burya ibisagara vy’abantu barungikiwe Luutwi n’abarungikiwe Shu’ayibu, vyompi biri ku nzira y’aho abantu baca, boheza bakahatorera icigwa bakikebuka.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلَقَدۡ كَذَّبَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡحِجۡرِ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Ni ukuri Abanyahijiri[327], baragararije Intumwa zose[328] mu kugarariza Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
[327] Ni abantu bo mu bwoko bwa Thamuudi, baba mu kabande kitwa Hijiri, ako kabande kari mu buraruko bushira uburengero bwa Saudiya.
[328] Ukugarariza Intumwa imwe ni nk’ukugarariza Intumwa zose kuko idini ryazo ni rimwe, zarungitswe n’Imana Imwe.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَءَاتَيۡنَٰهُمۡ ءَايَٰتِنَا فَكَانُواْ عَنۡهَا مُعۡرِضِينَ
Twabarungikiye ivyemezo [329] vyerekana ukuri kw’Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), maze baravyirengagiza.
[329] Muri ivyo bimenyetso, harimwo ingamiya Imana Allah Yabaremeye mw’ibuye.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَكَانُواْ يَنۡحِتُونَ مِنَ ٱلۡجِبَالِ بُيُوتًا ءَامِنِينَ
Abanyahijiri bahora babaza inzu babamwo mu misozi, batekaniwe ko nya nzu zitobasenyukirako.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّيۡحَةُ مُصۡبِحِينَ
Ni ho bahitanwa mu mutwenzi n’ibihano bihonya;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَمَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ
Amatungo n’inkomezi hamwe n’inyubakwa vyabo, ntivyabakingiye guhitanwa n’ibihano bihonya vy’Imana Allah.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّۗ وَإِنَّ ٱلسَّاعَةَ لَأٓتِيَةٞۖ فَٱصۡفَحِ ٱلصَّفۡحَ ٱلۡجَمِيلَ
Twebwe Allah, ntitwaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo, kiretse ko Twabiremye mu kuri, kugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyisenge ari Imwe Rudende. Ni ukuri, igihe c’umuhero w’isi vuba bwango kirashika, kugira umuntu wese ahemberwe ivyo yakoze. Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, birabishe amaso wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana, ukwirengagiza kuzira umwidogo.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِنَّ رَبَّكَ هُوَ ٱلۡخَلَّٰقُ ٱلۡعَلِيمُ
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyenukurema Yaremye ikintu ico ari co cose, Nyenubumenyikurivyose.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَٰكَ سَبۡعٗا مِّنَ ٱلۡمَثَانِي وَٱلۡقُرۡءَانَ ٱلۡعَظِيمَ
Muvugishwamana! Ni ukuri, Twaraguhaye igisomwa c’intango “Al-Faatiha”, kigizwe na Aayah indwi zisomwa mu cunamo c’isengesho iryo ari ryo ryose, Twaranaguhaye Qor’ani ntagatifu.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
لَا تَمُدَّنَّ عَيۡنَيۡكَ إِلَىٰ مَا مَتَّعۡنَا بِهِۦٓ أَزۡوَٰجٗا مِّنۡهُمۡ وَلَا تَحۡزَنۡ عَلَيۡهِمۡ وَٱخۡفِضۡ جَنَاحَكَ لِلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y'Imana! Ntukarabe wipfuza ivyo Twahaye bamwe mu bagarariji mu bihendamaso vy’isi; kandi ntugatuntuzwe n’igarariza ryabo, uraheza gusa wicishe bugufi ku bemeramana;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَقُلۡ إِنِّيٓ أَنَا ٱلنَّذِيرُ ٱلۡمُبِينُ
Unavuge uti: “Mu vy’ukuri jewe, ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah, ko vyobashikira mu gihe mwogarariza;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
كَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَى ٱلۡمُقۡتَسِمِينَ
Imana Allah Irabagabisha ku bihano Iti: “Nk’uko Twebwe Allah Twamanuriye ibihano abaciyemwo Qor’ani imice, bakemera bimwe bagahakana ibindi [330], ni ko Tuzohana n’abandi”;
[330] Mu bayahudi, abanaswara n’ababangikanyamana mu Bakorayishi.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
ٱلَّذِينَ جَعَلُواْ ٱلۡقُرۡءَانَ عِضِينَ
Abafashe Qor’ani bakayicamwo imice kugira ngo baburagize abantu kuyemera, mu kuvuga ko ari uburozi bwigendera, abandi na bo ngo ni amangetengete".
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَوَرَبِّكَ لَنَسۡـَٔلَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Kubera ivyo vyose rero, Jewe Allah Ndarahiye kw’izina ry’Imana yawe Rurema, ko Twebwe Allah Tuzobaharurira ku musi w’izuka, Duheze Tubahembe bose;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
عَمَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Tubahembere ivyo bakoze kw’isi mu gucamwo Qor’ani imice, hamwe n’ibindi vyaha bakoze mu gusenga ibintazi.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَٱصۡدَعۡ بِمَا تُؤۡمَرُ وَأَعۡرِضۡ عَنِ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Ntumwa y'Imana! Rarikira rero abantu ku mugaragaro, ko bokurikira ukuri wategetswe n’Imana Allah, maze ubarabishe amaso wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِنَّا كَفَيۡنَٰكَ ٱلۡمُسۡتَهۡزِءِينَ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaramaze kugukingira ibangamira ry’abatebura kuri Qor’ani;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
ٱلَّذِينَ يَجۡعَلُونَ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَۚ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ
Ababangikanya Imana Allah mu gusenga ibigirwamana, bitebe bitebuke bazomenya iherezo ribi ry’ivyo bakoze.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلَقَدۡ نَعۡلَمُ أَنَّكَ يَضِيقُ صَدۡرُكَ بِمَا يَقُولُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Turazi neza ko utuntujwe n’ivyo bavuga mu kukurwanya.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ وَكُن مِّنَ ٱلسَّٰجِدِينَ
Ku kugira uremururire umushaha rero, ninahaza Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza, wongere ube mu bayubamira mu gusenga;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَٱعۡبُدۡ رَبَّكَ حَتَّىٰ يَأۡتِيَكَ ٱلۡيَقِينُ
Uheze ushishikare kwiyegereza Imana yawe Rurema Allah mu vyo ukora vyose, unayisenga ubuzima bwawe bwose, gushika umusi wawe wo gupfa.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
 
ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಸೂರ ಅಲ್- ಹಿಜ್ರ್
ಅಧ್ಯಾಯಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ ಪುಟ ಸಂಖ್ಯೆ
 
ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - الترجمة الكيروندية - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

ಮುಚ್ಚಿ