Check out the new design

ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ * - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಆಲು ಇಮ್ರಾನ್   ಶ್ಲೋಕ:
وَإِذۡ أَخَذَ ٱللَّهُ مِيثَٰقَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ لَتُبَيِّنُنَّهُۥ لِلنَّاسِ وَلَا تَكۡتُمُونَهُۥ فَنَبَذُوهُ وَرَآءَ ظُهُورِهِمۡ وَٱشۡتَرَوۡاْ بِهِۦ ثَمَنٗا قَلِيلٗاۖ فَبِئۡسَ مَا يَشۡتَرُونَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Imana Allah Yaha isezerano abahawe Igitabu Iti: “Mutegerezwa gushira mu ngiro amabwirizwa yacu ari muri Tawurati no mu Njili mwongere munayigishe abantu, kandi ntimuzohirahire ngo muyanyegeze”, baraheza bata nya sezerano inyuma y’umugongo ntibaryubahiriza, bariguza ibintu vy’igiciro gito cane mu bihendamaso vy’isi, kugira banyegeze canke bahindagure ukuri kuri muri nya Gitabu, iryo rero ni ryo guza ribi cane.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
لَا تَحۡسَبَنَّ ٱلَّذِينَ يَفۡرَحُونَ بِمَآ أَتَواْ وَّيُحِبُّونَ أَن يُحۡمَدُواْ بِمَا لَمۡ يَفۡعَلُواْ فَلَا تَحۡسَبَنَّهُم بِمَفَازَةٖ مِّنَ ٱلۡعَذَابِۖ وَلَهُمۡ عَذَابٌ أَلِيمٞ
Ntiwiyumvire ko abanezerezwa n’ibibi bakora bagakunda no gushimwa n’abantu ku vyo batakoze, bazokira ibihano vy’Imana Allah kw’isi. Baranategekanirijwe ibihano bibabaza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa [20].
[20] Iyi Aayah irihaniza igatega imisi umuntu wese anezerezwa n’ikibi yakoze, akunda kwigamba ku vyo atakoze ashaka gushimwa n’abantu.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلِلَّهِ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ
Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, burya Imana Allah ni na Yo Mushoboravyose.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِنَّ فِي خَلۡقِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَٱخۡتِلَٰفِ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ لَأٓيَٰتٖ لِّأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Mu vy’ukuri, mw’iremwa ry’amajuru mu kuntu ahanitse, n’isi mu kuntu ishigikiwe n’imisozi, ikagira utubande n’amabahari, no mw'ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango ku buryo ijoro hari igihe riba rirerire, ikindi gihe umurango ukaba muremure, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bantu b’incabwenge koko, vyerekana ko hari Imana Imwe Rudende Yabiremye;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
ٱلَّذِينَ يَذۡكُرُونَ ٱللَّهَ قِيَٰمٗا وَقُعُودٗا وَعَلَىٰ جُنُوبِهِمۡ وَيَتَفَكَّرُونَ فِي خَلۡقِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ رَبَّنَا مَا خَلَقۡتَ هَٰذَا بَٰطِلٗا سُبۡحَٰنَكَ فَقِنَا عَذَابَ ٱلنَّارِ
Barya baninahaza bagatazira Imana Allah bahagaze, bicaye canke baryamiye urubavu, bakanaguma biyumvira ubushobozi bw’Imana Allah mu kurema amajuru indwi n’isi, bagaheza bakavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ntiwaremeye ubusa ibi vyose! Ininahazwa ni iryawe Mana, turagusavye rero Udukingire ibihano vy’umuriro udahera;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
رَبَّنَآ إِنَّكَ مَن تُدۡخِلِ ٱلنَّارَ فَقَدۡ أَخۡزَيۡتَهُۥۖ وَمَا لِلظَّٰلِمِينَ مِنۡ أَنصَارٖ
Mana yacu Rurema Allah! Wewe mu vy’ukuri, uwo Uzoshira mu muriro udahera, Uzoba Wamutetereje, kanatsinda kuri uwo musi abirenganije mu kukubangikanya ntibazoronka ababatabara mu kubakingira ibihano vyawe;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
رَّبَّنَآ إِنَّنَا سَمِعۡنَا مُنَادِيٗا يُنَادِي لِلۡإِيمَٰنِ أَنۡ ءَامِنُواْ بِرَبِّكُمۡ فَـَٔامَنَّاۚ رَبَّنَا فَٱغۡفِرۡ لَنَا ذُنُوبَنَا وَكَفِّرۡ عَنَّا سَيِّـَٔاتِنَا وَتَوَفَّنَا مَعَ ٱلۡأَبۡرَارِ
Mana yacu Rurema! Twebwe mu vy’ukuri twarumvise Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) irarikira abantu ku kwemera, ivuga iti: “Nyabuna nimwemere Imana yanyu Rurema Allah, mwubahirize n’amabwirizwa yayo”, duca turayemera. Mana yacu Rurema! Turagusavye rero, Utugumirize akabanga ku vyaha vyacu ntubiduhanire, Wongere Utubabarire n’ibicumuro vyacu, nihagera ko duhwera naho, Uraheza Udushire mu beranda;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
رَبَّنَا وَءَاتِنَا مَا وَعَدتَّنَا عَلَىٰ رُسُلِكَ وَلَا تُخۡزِنَا يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۖ إِنَّكَ لَا تُخۡلِفُ ٱلۡمِيعَادَ
Mana yacu Rurema Allah! Duhe intsinzi, ugutsimbatara no gutumbera inzira yawe Wadusezeraniye ku Ntumwa zawe. Ntuzotumaramaze ku musi w’izuka mu gushira ivyaha vyacu ku mugaragaro. Mu vy’ukuri, Wewe nturenga kw’isezerano Wahaye ibiremwa”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
 
ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಆಲು ಇಮ್ರಾನ್
ಅಧ್ಯಾಯಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ ಪುಟ ಸಂಖ್ಯೆ
 
ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ. ಪ್ರಕಾಶನ - ಆಫ್ರಿಕನ್ ಅಭಿವೃದ್ಧಿ ಪ್ರತಿಷ್ಠಾನ

ಮುಚ್ಚಿ