Check out the new design

ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ * - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಅದ್ದುಖಾನ್   ಶ್ಲೋಕ:
وَأَن لَّا تَعۡلُواْ عَلَى ٱللَّهِۖ إِنِّيٓ ءَاتِيكُم بِسُلۡطَٰنٖ مُّبِينٖ
Kandi ntimukagire amanyama ku Mana Allah mu guhakana Intumwa zayo; jewe mu vy’ukuri, ndabazaniye icemezo gitomoye cemeza ukuri kwanje;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَإِنِّي عُذۡتُ بِرَبِّي وَرَبِّكُمۡ أَن تَرۡجُمُونِ
Mu vy’ukuri, ndikinze ku Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema Allah, Inkingire ko mwonyicisha amabuye;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَإِن لَّمۡ تُؤۡمِنُواْ لِي فَٱعۡتَزِلُونِ
Nimutanyemera ku vyo ndabazaniye, murandeka nidegemvye mutangeramiraˮ.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَدَعَا رَبَّهُۥٓ أَنَّ هَٰٓؤُلَآءِ قَوۡمٞ مُّجۡرِمُونَ
Musa amaze kubona ko bamuhakanye bivuye inyuma, ni ho yasaba atakambira Imana yiwe Rurema Allah ati: “Mu vy’ukuri aba bantu, ni abanyavyaha bakubangikanyaˮ.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَأَسۡرِ بِعِبَادِي لَيۡلًا إِنَّكُم مُّتَّبَعُونَ
Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Musa! Muri iri joro, uragenda ujanye abaja banje bakwemeye bakagukurikira; mu vy’ukuri, Firawuni n’ingabo ziwe bahava babomako, babatere;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَٱتۡرُكِ ٱلۡبَحۡرَ رَهۡوًاۖ إِنَّهُمۡ جُندٞ مُّغۡرَقُونَ
Maze ureke ibahari rigume ritururuye nk’uko risanzwe, mu vy’ukuri Firawuni n’ingabo ziwe, bahava basomeshwa nturi”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
كَمۡ تَرَكُواْ مِن جَنَّٰتٖ وَعُيُونٖ
Inyuma y’isomeshwa nturi rero, Firawuni n’ingabo ziwe basize ibintu vyinshi; imirima itotahaye, amariba y’amazi atemba;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَزُرُوعٖ وَمَقَامٖ كَرِيمٖ
N’indimo hamwe rero n’inzu ziteye igomwe;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَنَعۡمَةٖ كَانُواْ فِيهَا فَٰكِهِينَ
Hamwe rero n’inema nyinshi bari babayemwo, borohewe mu buzima;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
كَذَٰلِكَۖ وَأَوۡرَثۡنَٰهَا قَوۡمًا ءَاخَرِينَ
Ni nk’ico gihano rero Imana Allah Iha abihakana inema zayo, maze bakayigarariza. Inyuma y’ihonywa ryabo rero, ivyo vyose Twabiraze abandi bantu muri Bene Israyeli.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَمَا بَكَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلسَّمَآءُ وَٱلۡأَرۡضُ وَمَا كَانُواْ مُنظَرِينَ
Ijuru n’isi, ntivyigeze biririra Firawuni n’ingabo ziwe; kira noneho, ntibari no kurindirizwa ngo ntibahanwe.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلَقَدۡ نَجَّيۡنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ مِنَ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡمُهِينِ
Ni ukuri, Twaranarokoye Bene Israyeli mu bihano bisuzuguza vyo gucurwa bufuni na buhoro;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
مِن فِرۡعَوۡنَۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَالِيٗا مِّنَ ٱلۡمُسۡرِفِينَ
Maze Tubakiza mu kubakura kw’izosi Firawuni; mu vy’ukuri Firawuni, yari no mu bantu bagira amanyama ku bandi, bimonogoza mu bugarariji.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلَقَدِ ٱخۡتَرۡنَٰهُمۡ عَلَىٰ عِلۡمٍ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ni ukuri Twatoye Bene Israyeli Tubizi, mu kubatera iteka kurusha abandi bo mu gihe cabo;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَءَاتَيۡنَٰهُم مِّنَ ٱلۡأٓيَٰتِ مَا فِيهِ بَلَٰٓؤٞاْ مُّبِينٌ
Maze Tubaha n’ibitangaro bazaniwe na Musa, birimwo igeragezwa rigaragara kuri bo.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَيَقُولُونَ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri aba babangikanyamana mu bantu warungitsweko, ni ukuri bavuga bahakana izurwa ry’ibiremwa;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِنۡ هِيَ إِلَّا مَوۡتَتُنَا ٱلۡأُولَىٰ وَمَا نَحۡنُ بِمُنشَرِينَ
Bakavuga bati: “Umuntu apfa rimwe! Urupfu ni urwo nyene rwo kw’isi nta rundi; ntituzonazuka inyuma yo gupfa ngo duharurirwe ivyo twakoze, duheze tubihemberwe!”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَأۡتُواْ بِـَٔابَآئِنَآ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Bakongera bati: “Ewe Muhamadi! Wewe n’abemeramana muri kumwe, enda nyabuna rero, nimugarure kw’isi ba data bapfuye kera, nimwaba koko muri imvugakuri ko abantu bazosubizwa ubuzima bakazuka!”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
أَهُمۡ خَيۡرٌ أَمۡ قَوۡمُ تُبَّعٖ وَٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ أَهۡلَكۡنَٰهُمۡۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ مُجۡرِمِينَ
Abo babangikanyamana b’i Makka, ni bo bahawe ubutore mu nguvu n’inema gusumba abandi ku buryo Tutobahana! Canke ni abantu b’umwami Tubba’i[4] hamwe n’imigwi y’abagararije hambere y’abo! Abo bose rero hamwe n’ubutore mu nguvu n’inema Twabahaye, Twarabahanye ku bugarariji bwabo Turabahonya. Mu vy’ukuri, bari abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
[4] Tubba-i, ni umwami yigeze gutwara Yemeni, yakomoka mu bwoko bwa Al-Himyar.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا لَٰعِبِينَ
Ntitwaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo mu ntumbero yo gufyinata;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
مَا خَلَقۡنَٰهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Ntitwabiremye, kiretse ko kwari ukugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya. Ariko rero abenshi mu babangikanyamana, ntibazi intumbero y’Imana Allah mu kurema.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
 
ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಅದ್ದುಖಾನ್
ಅಧ್ಯಾಯಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ ಪುಟ ಸಂಖ್ಯೆ
 
ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ. ಪ್ರಕಾಶನ - ಆಫ್ರಿಕನ್ ಅಭಿವೃದ್ಧಿ ಪ್ರತಿಷ್ಠಾನ

ಮುಚ್ಚಿ