Check out the new design

पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - किरुन्दी अनुवाद : युसुफ घहीती । * - अनुवादहरूको सूची

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थको अनुवाद सूरः: न्नहल   श्लोक:
وَأَلۡقَىٰ فِي ٱلۡأَرۡضِ رَوَٰسِيَ أَن تَمِيدَ بِكُمۡ وَأَنۡهَٰرٗا وَسُبُلٗا لَّعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ
Yarashinze n’imisozi mw’isi kugira iyigumye, ntibazungagize; Ibashiriraho n’inzuzi mwikorako, Ibacira n’inzira mucamwo kugira ntimuzimire inzira ibashikana aho mwipfuza kuja;
अरबी व्याख्याहरू:
وَعَلَٰمَٰتٖۚ وَبِٱلنَّجۡمِ هُمۡ يَهۡتَدُونَ
Yabashiriyeho n’ibimenyetso bibazimurura ku murango; mw’ijoro naho, inyenyeri zikabazimurura.
अरबी व्याख्याहरू:
أَفَمَن يَخۡلُقُ كَمَن لَّا يَخۡلُقُۚ أَفَلَا تَذَكَّرُونَ
Mbega none, Imana Allah Ishoboye kurema ivyo vyose, ni Yo mubangikanya n’ibigirwamana bidashoboye kurema na kimwe! Ubwo ntimwokwibuka icubahiro c’Imana Allah, mugaheza mukayisenga ari Imwe Rudende!
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِن تَعُدُّواْ نِعۡمَةَ ٱللَّهِ لَا تُحۡصُوهَآۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَغَفُورٞ رَّحِيمٞ
Mu gihe rero mwodondagura ido n’ido inema z’Imana Allah, ntimwogenda mushoboye kuziharura ngo muheze muronke ingene mwoyishimira kuri nya nema. Ni ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
अरबी व्याख्याहरू:
وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ مَا تُسِرُّونَ وَمَا تُعۡلِنُونَ
Burya, Imana Allah Irazi neza ivyo mukora vyose, kandi Izobibahembera, vyaba ivyo muhisha mu mishaha canke ivyo mukorera mu mpisho, hamwe n’ivyo mukorera ku mugaragaro.
अरबी व्याख्याहरू:
وَٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ لَا يَخۡلُقُونَ شَيۡـٔٗا وَهُمۡ يُخۡلَقُونَ
Ibigirwamana ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ntibishoboye kurema n’aho koba n’akantu inzatsa, kanatsinda na vyo nyene vyabajwe n’ababangikanyamana;
अरबी व्याख्याहरू:
أَمۡوَٰتٌ غَيۡرُ أَحۡيَآءٖۖ وَمَا يَشۡعُرُونَ أَيَّانَ يُبۡعَثُونَ
Ntivyinyagaza na gato ngo bigire ico vyimariye, eka nta n’ubuzima bifise, ntibizi n’igihe Imana Allah Izozurirako ababisenga.
अरबी व्याख्याहरू:
إِلَٰهُكُمۡ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞۚ فَٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ قُلُوبُهُم مُّنكِرَةٞ وَهُم مُّسۡتَكۡبِرُونَ
Imana yanyu Ibwirijwe gusengwa vy’ukuri, ni Imana Imwe Rudende Allah, burya abatemera ko hariho izuka ry’ibiremwa, imitima yabo irahakana ko hariho Imana Imwe Rudende, bakagira n’amanyama mu kutemera kuyisenga vy’ukuri ari Imwe Rudende.
अरबी व्याख्याहरू:
لَا جَرَمَ أَنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا يُسِرُّونَ وَمَا يُعۡلِنُونَۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُسۡتَكۡبِرِينَ
Ni ivy’ukuri ko Imana Allah Izi neza cane ivyo bemera bakanabigirira mu mpisho n’ivyo bagirira ku mugaragaro, kandi Izobibahembera. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba abagira amanyama mu kutayemera.
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِذَا قِيلَ لَهُم مَّاذَآ أَنزَلَ رَبُّكُمۡ قَالُوٓاْ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Ababangikanyamana iyo babajijwe bati: “Mbega Imana yanyu Rurema Allah, ni ibiki Yamanuriye Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)?”. Bishura bati: “Yayimanuriye imigani n'ibitito vy’ab’aho hambere”.
अरबी व्याख्याहरू:
لِيَحۡمِلُوٓاْ أَوۡزَارَهُمۡ كَامِلَةٗ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَمِنۡ أَوۡزَارِ ٱلَّذِينَ يُضِلُّونَهُم بِغَيۡرِ عِلۡمٍۗ أَلَا سَآءَ مَا يَزِرُونَ
Imperuka yabo ku musi w’izuka, kuzoba ukwiremeka ivyaha vyabo vyose hiyongeyeko n’umutwaro wa bimwe mu vyaha vy’abo babeshe, bakabahubisha ku bujuju inzira y’ubwislamu. Bantu, nimwumve mwumvireho! Ni bibi cane ivyaha bazokwiremeka.
अरबी व्याख्याहरू:
قَدۡ مَكَرَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَأَتَى ٱللَّهُ بُنۡيَٰنَهُم مِّنَ ٱلۡقَوَاعِدِ فَخَرَّ عَلَيۡهِمُ ٱلسَّقۡفُ مِن فَوۡقِهِمۡ وَأَتَىٰهُمُ ٱلۡعَذَابُ مِنۡ حَيۡثُ لَا يَشۡعُرُونَ
Abantu bo hambere y’abo, barateze imitego Intumwa barungikiwe, maze Imana Allah Iraheza Inyiganza inyubako y’ubuhuvyi bwabo guhera ku mushinge wayo, urusenge rwayo rubasenyukirako, maze bashikirwa n’ibihano barahona mu buryo bataziga;
अरबी व्याख्याहरू:
 
अर्थको अनुवाद सूरः: न्नहल
अध्यायहरूको (सूरःहरूको) सूची رقم الصفحة
 
पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - किरुन्दी अनुवाद : युसुफ घहीती । - अनुवादहरूको सूची

यूसुफ घहीटीद्वारा अनुवादित । अफ्रिकी विकास फाउन्डेशनद्वारा प्रकाशित ।

बन्द गर्नुस्