पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - الترجمة الكيروندية * - अनुवादहरूको सूची

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थको अनुवाद सूरः: सूरतुल् कसस   श्लोक:

SURATU L-QASWASW

طسٓمٓ
Twaa Siin Miim[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
अरबी व्याख्याहरू:
تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ
Ntumwa y’Imana! Izi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani Nakumanuriye, gitomoye neza mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco.
अरबी व्याख्याहरू:
نَتۡلُواْ عَلَيۡكَ مِن نَّبَإِ مُوسَىٰ وَفِرۡعَوۡنَ بِٱلۡحَقِّ لِقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Tukwiganira vy’ukuri ku nkuru y’ivyashikiye Musa na Firawuni, ku neza y’abantu bemera iyi Qor’ani, bakanayigendera.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّ فِرۡعَوۡنَ عَلَا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَجَعَلَ أَهۡلَهَا شِيَعٗا يَسۡتَضۡعِفُ طَآئِفَةٗ مِّنۡهُمۡ يُذَبِّحُ أَبۡنَآءَهُمۡ وَيَسۡتَحۡيِۦ نِسَآءَهُمۡۚ إِنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Mu vy’ukuri, Firawuni yaranzwe n’amanyama n’ubwononyi kw’isi, araheza afata abantu abacamwo imigwi, acinyiza umugwi wa Bene Israyeli, awucura bufuni na buhoro, yica abana babo b’abahungu bose bavutse, asigaza abana b’abakobwa mu kubagira abashumba. Mu vy’ukuri, Firawuni yari mu bagenzwa n’ubwononyi kw’isi.
अरबी व्याख्याहरू:
وَنُرِيدُ أَن نَّمُنَّ عَلَى ٱلَّذِينَ ٱسۡتُضۡعِفُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَنَجۡعَلَهُمۡ أَئِمَّةٗ وَنَجۡعَلَهُمُ ٱلۡوَٰرِثِينَ
Twebwe Allah, Dushaka rero gutera iteka abacinyijwe bagacurwa bufuni na buhoro kw’isi, maze Tubagire indongozi zirarikira abandi ugukora ivyiza, Tunabahe gutorana isi mu nyuma y’ihonywa rya Firawuni n’abantu biwe;
अरबी व्याख्याहरू:
وَنُمَكِّنَ لَهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَنُرِيَ فِرۡعَوۡنَ وَهَٰمَٰنَ وَجُنُودَهُمَا مِنۡهُم مَّا كَانُواْ يَحۡذَرُونَ
Duheze Tubatsimbataze kw’isi, maze Twereke Firawuni na Haamaani n’ingabo zabo, ko ivyo bicura ko ubwami bwabo bwosenyuka hamwe boreka Musa agakura, bishoboka.
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰٓ أُمِّ مُوسَىٰٓ أَنۡ أَرۡضِعِيهِۖ فَإِذَا خِفۡتِ عَلَيۡهِ فَأَلۡقِيهِ فِي ٱلۡيَمِّ وَلَا تَخَافِي وَلَا تَحۡزَنِيٓۖ إِنَّا رَآدُّوهُ إِلَيۡكِ وَجَاعِلُوهُ مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Nyina wa Musa rero amaze kwibaruka agatinya ko Musa yokwicwa na Firawuni, Twaramuhumurije, Duti: “Mwonse utekanye! Niwatinya ko yohava yicwa, uramufata umushire mw’isandugu, maze uyikororere mu ruzi rwa Nili; ntuzogire impungenge namba ko Firawuni n’abantu biwe bohava bamwica, uragumiza n’umutima mu nda, ntuzokwicwe n’intuntu yo kutamubona hafi yawe; mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzomukugarukanira Duheze Tunamugire n’Intumwa”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَٱلۡتَقَطَهُۥٓ ءَالُ فِرۡعَوۡنَ لِيَكُونَ لَهُمۡ عَدُوّٗا وَحَزَنًاۗ إِنَّ فِرۡعَوۡنَ وَهَٰمَٰنَ وَجُنُودَهُمَا كَانُواْ خَٰطِـِٔينَ
Nyina wa Musa ni ho yashira Musa mw’isandugu, araheza ayikororera mu ruzi rwa Nili. Ni ho rero abantu ba Firawuni bayitora, gutyo ivyagezwe n’Imana Allah bija mu ngiro, ko Musa azobabera umwansi, akababera n’imvo yo kwicwa n’intuntu igihe basomeshejwe nturi, bagahona. Mu vy’ukuri Firawuni na Haamaani hamwe n’ingabo zabo, bari abanyavyaha b’ababangikanyamana.
अरबी व्याख्याहरू:
وَقَالَتِ ٱمۡرَأَتُ فِرۡعَوۡنَ قُرَّتُ عَيۡنٖ لِّي وَلَكَۖ لَا تَقۡتُلُوهُ عَسَىٰٓ أَن يَنفَعَنَآ أَوۡ نَتَّخِذَهُۥ وَلَدٗا وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ
Umugore wa Firawuni aho aboneye Musa, yabwiye Firawuni n’ikigumbagumba n’akantu ati: “Ehe yemwe ikibondo kiri hano! Iki kibondo kizotubera twempi imvo y’akanyamuneza! Ndakwinginze ntuhirahire ngo ucice, hari aho cogira ico kitumariye canke tukacirerera nk’umwana wacu!”. Ivyo vyose rero, babigira batazi ko Musa azoba imvo y’ihonywa ryabo.
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَصۡبَحَ فُؤَادُ أُمِّ مُوسَىٰ فَٰرِغًاۖ إِن كَادَتۡ لَتُبۡدِي بِهِۦ لَوۡلَآ أَن رَّبَطۡنَا عَلَىٰ قَلۡبِهَا لِتَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Nyina wa Musa yasigaye atuntuye ku mutima, ku buryo ata n’ikindi kintu camuraza ishinga, kiretse ukubona umwana wiwe Musa. Yarahatswe no kwatura ko ari we nyina wa Musa, iyo Tutamugumiriza umutima kugira abe mu bemeramana koko bizera isezerano ry’Imana Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
وَقَالَتۡ لِأُخۡتِهِۦ قُصِّيهِۖ فَبَصُرَتۡ بِهِۦ عَن جُنُبٖ وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ
Nyina wa Musa amaze gukororera mu ruzi nya sandugu yashizemwo Musa, ni ho yabwira mushiki wa Musa ati: “Mwananje! Kurikirana iyi sandugu, maze urabe iherezo ryayo”. Nya mukobwa yarayikurikiranye gushika n’aho ayibona ihagaze ku nkengera z’uruzi rwa Nili; muri ico gihe, ingabo za Firawuni ntizanamenye ko ari mushiki wa Musa ariko arayikurikirana kuko yayirabira kure nk’uwutahari.
अरबी व्याख्याहरू:
۞ وَحَرَّمۡنَا عَلَيۡهِ ٱلۡمَرَاضِعَ مِن قَبۡلُ فَقَالَتۡ هَلۡ أَدُلُّكُمۡ عَلَىٰٓ أَهۡلِ بَيۡتٖ يَكۡفُلُونَهُۥ لَكُمۡ وَهُمۡ لَهُۥ نَٰصِحُونَ
Twebwe Allah, Twaraziririje ko Musa yonka ibere ry’uwo ari we wese mu bakenyezi, imbere yuko Tumusubiza kwa nyina. Ni ho rero mushikiwe yabwira abari ng’aho ati: “Mbega mwonkundira nkabarangira umuryango womwitaho ukamurera ukanamwonsa, ukanamuha impanuro za kivyeyi?”. Ba bantu bari ng’aho na bo baraheza baramwemerera ko yobarangira nya muryango.
अरबी व्याख्याहरू:
فَرَدَدۡنَٰهُ إِلَىٰٓ أُمِّهِۦ كَيۡ تَقَرَّ عَيۡنُهَا وَلَا تَحۡزَنَ وَلِتَعۡلَمَ أَنَّ وَعۡدَ ٱللَّهِ حَقّٞ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Ni ho rero Twebwe Allah, Twasubiza Musa kwa nyina kugira agumize umutima mu nda, maze ntiyicwe n’intuntu yo kutamubona hafi yiwe, no kugira amenye ko isezerano yahawe n’Imana Allah, ari iry’ukuri. Imana Allah burya ntirenga kw’isezerano, ariko abenshi mu babangikanyamana nta vyo bazi.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَمَّا بَلَغَ أَشُدَّهُۥ وَٱسۡتَوَىٰٓ ءَاتَيۡنَٰهُ حُكۡمٗا وَعِلۡمٗاۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Musa rero amaze kugera mu bigero akaba umugabo abushitse, Twaramuhaye gutomora ingingo, Tumwigisha n’ubumenyi. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Musa ku bugwaneza bwiwe - Duhemba abagwaneza.
अरबी व्याख्याहरू:
وَدَخَلَ ٱلۡمَدِينَةَ عَلَىٰ حِينِ غَفۡلَةٖ مِّنۡ أَهۡلِهَا فَوَجَدَ فِيهَا رَجُلَيۡنِ يَقۡتَتِلَانِ هَٰذَا مِن شِيعَتِهِۦ وَهَٰذَا مِنۡ عَدُوِّهِۦۖ فَٱسۡتَغَٰثَهُ ٱلَّذِي مِن شِيعَتِهِۦ عَلَى ٱلَّذِي مِنۡ عَدُوِّهِۦ فَوَكَزَهُۥ مُوسَىٰ فَقَضَىٰ عَلَيۡهِۖ قَالَ هَٰذَا مِنۡ عَمَلِ ٱلشَّيۡطَٰنِۖ إِنَّهُۥ عَدُوّٞ مُّضِلّٞ مُّبِينٞ
Musa yarinjiye mu gisagara ca Misiri yinyegeje mu gihe abantu b’aho bari basamaye, ahasanga abagabo babiri bariko bararwana; umwe muri bo yakomoka mu bantu biwe, Abene Israyeli, uwundi na we yakomoka mu bantu ba Firawuni, Abanyagiputa. Maze uwukomoka mu bantu biwe aramwiyambaza ngo amutabare, Musa araheza akubita igipfunsi wa Munyagiputa, aca ararambarara. Musa aca avuga yinegura ati: “Iki gikorwa giturutse ku nyoshambi za shetani zatumye ntwarwa n’agashavu nkamukubita agaca apfa. Mu vy’ukuri shetani, ni umwansi agaragara wa mwene Adamu, ihubisha inzira igororotse[2]”.
[2] Ikubitwa ry’uyu Munyagiputa ryabaye imbere yuko Musa arungikwa kuba Intumwa.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ رَبِّ إِنِّي ظَلَمۡتُ نَفۡسِي فَٱغۡفِرۡ لِي فَغَفَرَ لَهُۥٓۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ
Musa yaciye avuga yigaya ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, nirenganije ku kwica umuntu ku karenganyo, ndagusavye rero ko Wongumiriza akabanga Ukambabarira iki caha”. Ni ho Imana Allah Yaca Imubabarira nya caha. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ رَبِّ بِمَآ أَنۡعَمۡتَ عَلَيَّ فَلَنۡ أَكُونَ ظَهِيرٗا لِّلۡمُجۡرِمِينَ
Musa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Kubera inema nyinshi Wampaye harimwo n’inema yo kunyumvira ku kwigaya kwanje, sindota nifadikanya n’umwe mu banyavyaha mu guca kubiri n’amabwirizwa yawe”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَأَصۡبَحَ فِي ٱلۡمَدِينَةِ خَآئِفٗا يَتَرَقَّبُ فَإِذَا ٱلَّذِي ٱسۡتَنصَرَهُۥ بِٱلۡأَمۡسِ يَسۡتَصۡرِخُهُۥۚ قَالَ لَهُۥ مُوسَىٰٓ إِنَّكَ لَغَوِيّٞ مُّبِينٞ
Ni ho rero Musa yaguma mu gisagara ca Misiri afise ubwoba, agendereza kugira yumve inkuru z’ibivugwa ku rupfu rw’Umunyagiputa yaraye yishwe. Yahavuye arenguka kuri wa muntu yamwiyambaza ubuheze, ariko ararwana n’uwundi Munyagiputa, amuhamagara ngo amutabare kandi. Musa n’ishavu n’akantu aca amubwira ati: “Mu vy’ukuri, ni ukuri wewe uri umusomborotsi n’inkwezi y’amabi yeruye”;
अरबी व्याख्याहरू:
فَلَمَّآ أَنۡ أَرَادَ أَن يَبۡطِشَ بِٱلَّذِي هُوَ عَدُوّٞ لَّهُمَا قَالَ يَٰمُوسَىٰٓ أَتُرِيدُ أَن تَقۡتُلَنِي كَمَا قَتَلۡتَ نَفۡسَۢا بِٱلۡأَمۡسِۖ إِن تُرِيدُ إِلَّآ أَن تَكُونَ جَبَّارٗا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَمَا تُرِيدُ أَن تَكُونَ مِنَ ٱلۡمُصۡلِحِينَ
Musa agize ngo abanguye igipfunsi akubite wa Munyagiputa, wa muntu n’ubwoba n’akantu aca avuga ati: “Ewe Musa! Aho nyene ushaka kunyica nk’uko wishe umuntu ejo! Ntushaka kuba kiretse intagondwa kw’isi, kanatsinda ntunashaka kuba mu bantu banywanisha, bagatunganiriza abandi”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَجَآءَ رَجُلٞ مِّنۡ أَقۡصَا ٱلۡمَدِينَةِ يَسۡعَىٰ قَالَ يَٰمُوسَىٰٓ إِنَّ ٱلۡمَلَأَ يَأۡتَمِرُونَ بِكَ لِيَقۡتُلُوكَ فَٱخۡرُجۡ إِنِّي لَكَ مِنَ ٱلنَّٰصِحِينَ
Ni ho rero haza umuntu aje atazambaye, avuye hirya y’igisagara ca Misiri, araheza aburira Musa ati: “Ewe Musa! Uzi n’inkuru, burya abunganizi ba Firawuni bari mu nama rukokoma bajenama ukuntu bokwica; enda nyabuna rero, va muri iki gisagara uhunge, mu vy’ukuri jewe ndi mu bagufitiye impuhwe, uri uwo mpanura wohunga hakiri kare”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَخَرَجَ مِنۡهَا خَآئِفٗا يَتَرَقَّبُۖ قَالَ رَبِّ نَجِّنِي مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Musa aca ava muri nya gisagara atekewe n’ubwoba, arahunga agenda yeraguza irya n’ino, atinya gufatwa, araheza asaba Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Unkure mu minwe y’abantu birenganije”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَمَّا تَوَجَّهَ تِلۡقَآءَ مَدۡيَنَ قَالَ عَسَىٰ رَبِّيٓ أَن يَهۡدِيَنِي سَوَآءَ ٱلسَّبِيلِ
Musa amaze gucika ingabo za Firawuni agana amaja muri Madiyana, yavuze ati: “Kumbure hari n’aho Imana yanje Rurema Allah Yondongora mu nzira inshikana muri Madiyana”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَمَّا وَرَدَ مَآءَ مَدۡيَنَ وَجَدَ عَلَيۡهِ أُمَّةٗ مِّنَ ٱلنَّاسِ يَسۡقُونَ وَوَجَدَ مِن دُونِهِمُ ٱمۡرَأَتَيۡنِ تَذُودَانِۖ قَالَ مَا خَطۡبُكُمَاۖ قَالَتَا لَا نَسۡقِي حَتَّىٰ يُصۡدِرَ ٱلرِّعَآءُۖ وَأَبُونَا شَيۡخٞ كَبِيرٞ
Musa amaze rero gushika ahari amazi ya Madiyana; yahasanze umugwi w’abantu bariko baranywesha ibitungwa vyabo, hepfo yabo ahasanga abigeme babiri bikumiriye ukwabo, ibitungwa vyabo bitariko biranywa, bajumarariwe. Ni ho Musa yumvira impuhwe nya bigeme, maze arababaza ati: “Ko muri ng’aho, ni impore?”. Ba bigeme barishura bati: “Ntidushoboye gusitana n’abagabo, ngo tunyweshe ibitungwa vyacu batabanje guheza kunywesha ibitungwa vyabo, kandi n’umuvyeyi wacu arashaje cane ntashoboye kwiyizira kunywesha ibitungwa”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَسَقَىٰ لَهُمَا ثُمَّ تَوَلَّىٰٓ إِلَى ٱلظِّلِّ فَقَالَ رَبِّ إِنِّي لِمَآ أَنزَلۡتَ إِلَيَّ مِنۡ خَيۡرٖ فَقِيرٞ
Ni ho Musa yanyweshereza ba bigeme babiri ibitungwa vyabo, hanyuma n’inzara n’akantu aca aja kwugama izuba mu gatutu k’igiti cari ng’aho, aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri ndishwe n’inzara, ndakeneye ko Undonsa ico ari co cose comfata mu nda”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَجَآءَتۡهُ إِحۡدَىٰهُمَا تَمۡشِي عَلَى ٱسۡتِحۡيَآءٖ قَالَتۡ إِنَّ أَبِي يَدۡعُوكَ لِيَجۡزِيَكَ أَجۡرَ مَا سَقَيۡتَ لَنَاۚ فَلَمَّا جَآءَهُۥ وَقَصَّ عَلَيۡهِ ٱلۡقَصَصَ قَالَ لَا تَخَفۡۖ نَجَوۡتَ مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Umwe muri ba bigeme Musa yanyweshereza ibitungwa vyabo, yahavuye aza n’isoni nyinshi, araheza abwira Musa ati: “Mu vy’ukuri, dawe araguhamagaye kugira aguhe impembo yo kutunyweshereza ibitungwa”. Musa araheza ajana na nya mwigeme kwa se, amaze kuhagera akamwiganira ivyamushikiye kwa Firawuni n’ingabo ziwe, se wa nya mwigeme yaramutururuje ati: “Subiza umutima mu nda, ntutinye namba, warokotse abantu birenganije kuko aha ni mu kindi gihugu kidatwarwa na bo”.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَتۡ إِحۡدَىٰهُمَا يَٰٓأَبَتِ ٱسۡتَـٔۡجِرۡهُۖ إِنَّ خَيۡرَ مَنِ ٱسۡتَـٔۡجَرۡتَ ٱلۡقَوِيُّ ٱلۡأَمِينُ
Umwe muri ba bigeme yabwiye se ati: “Da! Muhe akazi akuragirire intungwa. Mu vy’ukuri, umwiza w’abo woha akazi ko kukuragirira, ni uwoba afise inguvu zo gucungera neza ibitungwa, akaba n’umwizigirwa atoguhemukira”.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ إِنِّيٓ أُرِيدُ أَنۡ أُنكِحَكَ إِحۡدَى ٱبۡنَتَيَّ هَٰتَيۡنِ عَلَىٰٓ أَن تَأۡجُرَنِي ثَمَٰنِيَ حِجَجٖۖ فَإِنۡ أَتۡمَمۡتَ عَشۡرٗا فَمِنۡ عِندِكَۖ وَمَآ أُرِيدُ أَنۡ أَشُقَّ عَلَيۡكَۚ سَتَجِدُنِيٓ إِن شَآءَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Se wa ba bigeme yabwiye Musa ati: “Uzi n’inkuru, jewe ngomba kugushingira umwe muri aba bakobwa banje babiri, inkwano ziwe zikaba ari uko wonkorera ukandagirira ibitungwa mu kiringo c’imyaka umunani; mu gihe worenzako ugakwiza ikiringo c’imyaka cumi, ivyo vyokuvako, vyoba ari no ku bugwaneza bwawe kuko sindi ng’aho kugira ndakuremereze ngo ukwize imyaka cumi. Imana Allah niyabishaka rero, uzosanga ndi mu beranda bubahiriza ivyo basezeranye”.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ ذَٰلِكَ بَيۡنِي وَبَيۡنَكَۖ أَيَّمَا ٱلۡأَجَلَيۡنِ قَضَيۡتُ فَلَا عُدۡوَٰنَ عَلَيَّۖ وَٱللَّهُ عَلَىٰ مَا نَقُولُ وَكِيلٞ
Musa asubizayo ati: “Ivyo uvuze, ni isezerano riri hagati yanje na we. Ikiringo cose nzoshobora kumara ndagukorera muri ivyo biringo bibiri, nta kabi kuri jewe, nzoba nubahirije isezerano. Burya Imana Allah ku vyo tuvuga, ni Yo Muhagarikizi Izi ivyo dusezeraniye ng’aha”.
अरबी व्याख्याहरू:
۞ فَلَمَّا قَضَىٰ مُوسَى ٱلۡأَجَلَ وَسَارَ بِأَهۡلِهِۦٓ ءَانَسَ مِن جَانِبِ ٱلطُّورِ نَارٗاۖ قَالَ لِأَهۡلِهِ ٱمۡكُثُوٓاْ إِنِّيٓ ءَانَسۡتُ نَارٗا لَّعَلِّيٓ ءَاتِيكُم مِّنۡهَا بِخَبَرٍ أَوۡ جَذۡوَةٖ مِّنَ ٱلنَّارِ لَعَلَّكُمۡ تَصۡطَلُونَ
Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) amaze gukwiza ikiringo c’imyaka cumi, agafata urugendo agaruka muri Misiri ari kumwe n’umuryango wiwe, yabonye umucanwa waka mw’ijoro hambavu y’umusozi Twuuri Sinayi, aca abwira umuryango wiwe ati: “Nimundindire gato, ni ukuri jewe nabonye umucanwa, hari n’aho nobazanira inkuru ituzimurura, canke nkabazanira igishirira kugira mwote”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَلَمَّآ أَتَىٰهَا نُودِيَ مِن شَٰطِيِٕ ٱلۡوَادِ ٱلۡأَيۡمَنِ فِي ٱلۡبُقۡعَةِ ٱلۡمُبَٰرَكَةِ مِنَ ٱلشَّجَرَةِ أَن يَٰمُوسَىٰٓ إِنِّيٓ أَنَا ٱللَّهُ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Musa amaze gushika hamwe yabona umucanwa, yumvise ijwi rizananye mu kabande kari iburyo bw’aho yari ari mu kibanza gihezagiye musi y’igiti, rimuhamagara riti: “Ewe Musa! Mu vy’ukuri, ni Jewe Allah, Imana Rurema w’ibiremwa vyose;
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَنۡ أَلۡقِ عَصَاكَۚ فَلَمَّا رَءَاهَا تَهۡتَزُّ كَأَنَّهَا جَآنّٞ وَلَّىٰ مُدۡبِرٗا وَلَمۡ يُعَقِّبۡۚ يَٰمُوسَىٰٓ أَقۡبِلۡ وَلَا تَخَفۡۖ إِنَّكَ مِنَ ٱلۡأٓمِنِينَ
Terera rero inkoni yawe hasi”. Musa amaze kuyiterera hasi, yaciye ihinduka inzoka yigendera. Musa abonye ya nkoni igenda iranyiganyiga nk’inzoka, yasubiye inyuma amaguru adakora hasi ahunga ata gukebuka kubera ubwoba. Imana Allah Ica Iramutururuza Iti: “Ewe Musa! Garuka ng’aha kandi ntutinye namba, mu vy’ukuri wewe uri mu batekanishijwe, nta kabi kogushikira;
अरबी व्याख्याहरू:
ٱسۡلُكۡ يَدَكَ فِي جَيۡبِكَ تَخۡرُجۡ بَيۡضَآءَ مِنۡ غَيۡرِ سُوٓءٖ وَٱضۡمُمۡ إِلَيۡكَ جَنَاحَكَ مِنَ ٱلرَّهۡبِۖ فَذَٰنِكَ بُرۡهَٰنَانِ مِن رَّبِّكَ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَمَلَإِيْهِۦٓۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمٗا فَٰسِقِينَ
Shira ikiganza cawe mu kwaha ugicishije mw’idebure[3] ry’impuzu, kivayo cererana gisayangana bidaturutse ku ndwara y’ubukarabe, uheze ushire n’ukuboko kwawe ku gikiriza uheze utekane. Ivyo rero, ni ibitangaro bibiri uhawe n’Imana yawe Rurema Allah kugira uje kwa Firawuni n’abunganizi biwe”. Mu vy’ukuri Firawuni n’abunganizi biwe, bari abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
[3] Ni izosi ry’impuzu.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ رَبِّ إِنِّي قَتَلۡتُ مِنۡهُمۡ نَفۡسٗا فَأَخَافُ أَن يَقۡتُلُونِ
Musa kubera ubwoba, yaciye avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri jewe, narishe umuntu mu Banyagiputa, nkaba ntinya ko bonyica mu gihe nosubirayo;
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَخِي هَٰرُونُ هُوَ أَفۡصَحُ مِنِّي لِسَانٗا فَأَرۡسِلۡهُ مَعِيَ رِدۡءٗا يُصَدِّقُنِيٓۖ إِنِّيٓ أَخَافُ أَن يُكَذِّبُونِ
Kandi burya murumunanje Haruna aravuga agatomora kundusha, ndagusavye rero Umundungikane kugira ambere umufasha, anyunganire mu gushikiriza ubutumwa; mu vy’ukuri, ndafise impungenge ko bohakana bivuye inyuma ko ndi Intumwa yarungitswe kuri bo”.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ سَنَشُدُّ عَضُدَكَ بِأَخِيكَ وَنَجۡعَلُ لَكُمَا سُلۡطَٰنٗا فَلَا يَصِلُونَ إِلَيۡكُمَا بِـَٔايَٰتِنَآۚ أَنتُمَا وَمَنِ ٱتَّبَعَكُمَا ٱلۡغَٰلِبُونَ
Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Tuzogutera intege mu kukurungikana na murumunawe, Duheze Tubahe mwempi ububasha n’ivyemezo bituma Firawuni n’abantu biwe badashobora kubagirira nabi. Mwempi rero hamwe n’abazobakurikira bakabemera, ni mwebwe mutegerezwa gutsinda”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَلَمَّا جَآءَهُم مُّوسَىٰ بِـَٔايَٰتِنَا بَيِّنَٰتٖ قَالُواْ مَا هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ مُّفۡتَرٗى وَمَا سَمِعۡنَا بِهَٰذَا فِيٓ ءَابَآئِنَا ٱلۡأَوَّلِينَ
Igihe rero Musa aziye kwa Firawuni n’abantu biwe, yibangikanije n’ivyemezo vyacu Twebwe Allah vyerekana ko ari Intumwa vy’ukuri, bamubwiye bati: “Nta kuri watuzaniye kiretse ko ari ubukonikoni bw’irementanya; nta n’aho twigeze twumva ivyo uturarikira mu bavyeyi bacu bo hambere”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَقَالَ مُوسَىٰ رَبِّيٓ أَعۡلَمُ بِمَن جَآءَ بِٱلۡهُدَىٰ مِنۡ عِندِهِۦ وَمَن تَكُونُ لَهُۥ عَٰقِبَةُ ٱلدَّارِۚ إِنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلظَّٰلِمُونَ
Musa araheza yishura Firawuni ati: “Imana yanje Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwaje azanye uburongozi buvuye kuri Yo, Ikanamenya n’uwufise iherezo ryiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa; kukaba nkako, abirenganije ntibazokwigera bashika ku ntsinzi y’ivyo bipfuza kw’isi eka no mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَقَالَ فِرۡعَوۡنُ يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمَلَأُ مَا عَلِمۡتُ لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرِي فَأَوۡقِدۡ لِي يَٰهَٰمَٰنُ عَلَى ٱلطِّينِ فَٱجۡعَل لِّي صَرۡحٗا لَّعَلِّيٓ أَطَّلِعُ إِلَىٰٓ إِلَٰهِ مُوسَىٰ وَإِنِّي لَأَظُنُّهُۥ مِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ
Firawuni araheza abwira abunganizi biwe ati: “Emwe bunganizi banje! Sinigeze menya ko mufise iyindi mana mukwiye gusenga atari jewe. Haamaani! Ngirira ifuru yo kwokerezamwo amatafari, uheze unyubakire inyubakwa ndende cane y'umunara w’akataraboneka, ndabe ko hari n’aho noduga mw’ijuru nkabona Imana ya Musa aturarikira gusenga; kandi ni ukuri, nibwira ko Musa yoba ari mu babeshi”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَٱسۡتَكۡبَرَ هُوَ وَجُنُودُهُۥ فِي ٱلۡأَرۡضِ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّ وَظَنُّوٓاْ أَنَّهُمۡ إِلَيۡنَا لَا يُرۡجَعُونَ
Firawuni hamwe n’ingabo ziwe baragize amanyama mu kugarariza Musa ata n’ukuri bisunze mu gihugu ca Misiri, baraheza bibaza ko nibapfa batazozuka bakagaruka iwacu Twebwe Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
فَأَخَذۡنَٰهُ وَجُنُودَهُۥ فَنَبَذۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡيَمِّۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلظَّٰلِمِينَ
Ni ho rero Twafata Firawuni hamwe n’ingabo ziwe, Tubaterera mw’ibahari basomera rimwe nturi. Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu iherezo ry’abirenganya mu kugarariza ryagenze!
अरबी व्याख्याहरू:
وَجَعَلۡنَٰهُمۡ أَئِمَّةٗ يَدۡعُونَ إِلَى ٱلنَّارِۖ وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ لَا يُنصَرُونَ
Firawuni hamwe n’ingabo ziwe, Twabagize indongozi zirarikira abantu kw’isi kuja mu muriro, no ku musi w’izuka rero ntibazoronka uwubatabara ngo abakure mu bihano.
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَتۡبَعۡنَٰهُمۡ فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا لَعۡنَةٗۖ وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ هُم مِّنَ ٱلۡمَقۡبُوحِينَ
Firawuni hamwe n’ingabo ziwe bamaze gusomeshwa nturi, Twabakurikije ivumwe kw’isi, no ku musi w’izuka bazoba bari mu bantu baranzwe n’ibikorwa bibi cane, badakwiye kugirirwa impuhwe namba.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ مِنۢ بَعۡدِ مَآ أَهۡلَكۡنَا ٱلۡقُرُونَ ٱلۡأُولَىٰ بَصَآئِرَ لِلنَّاسِ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٗ لَّعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ
Ni ukuri Musa, Twaramuhaye Igitabu ca Tawurati mu nyuma y’aho Duhonereje imigwi y’abantu bo hambere yiwe, Igitabu kirimwo inyigisho zituma Bene Israyeli bamenya gutandukanya iciza n’ikibi; harimwo n’ubugororotsi n’impuhwe kugira bibuke inema z’Imana Allah, baheze bayishimire mu kutayigarariza.
अरबी व्याख्याहरू:
وَمَا كُنتَ بِجَانِبِ ٱلۡغَرۡبِيِّ إِذۡ قَضَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَى ٱلۡأَمۡرَ وَمَا كُنتَ مِنَ ٱلشَّٰهِدِينَ
Ntumwa y’Imana! Ntiwari hambavu y’umusozi uri mu burengero bw’aho Musa yari ari, igihe Tumuha amabwirizwa Tukamutuma kwa Firawuni n’abantu biwe; ntiwari no mu babonye ingene vyagenze ngo ubimenye, uheze uvyiganire abantu.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَٰكِنَّآ أَنشَأۡنَا قُرُونٗا فَتَطَاوَلَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡعُمُرُۚ وَمَا كُنتَ ثَاوِيٗا فِيٓ أَهۡلِ مَدۡيَنَ تَتۡلُواْ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتِنَا وَلَٰكِنَّا كُنَّا مُرۡسِلِينَ
Ariko rero mu nyuma ya Musa, Twahavuye Tugira imigwi itandukanye y’abantu, nya migwi iraheza ibaho ikiringo kirekire hagati ya Musa n’irungikwa ryawe, gutyo nya migwi yibagira isezerano ry’Imana Allah, iranadohoka ku mabwirizwa yayo. Ntumwa y’Imana! Ntiwigeze uba no mu bantu ba Madiyana, ngo uheze usomere abantu warungitsweko Aayah zacu za Qor’ani n’inkuru y’ivyashikiye Musa na Firawuni mu vyo wahumviye, ariko rero iyo nkuru y’ivyashikiye Musa na Firawuni ubiganira, iri mu vyo wahishuriwe n’Imana Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
وَمَا كُنتَ بِجَانِبِ ٱلطُّورِ إِذۡ نَادَيۡنَا وَلَٰكِن رَّحۡمَةٗ مِّن رَّبِّكَ لِتُنذِرَ قَوۡمٗا مَّآ أَتَىٰهُم مِّن نَّذِيرٖ مِّن قَبۡلِكَ لَعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ
Eka ntiwari no hambavu y’umusozi wa Twuuri Sinayi igihe Twahamagara Musa Tukavugana ukuri kwamye, ariko Twakurungitse kugira ubere ibiremwa impuhwe zivuye ku Mana yawe Rurema Allah, uheze ugabishe ku bihano vyacu abantu batigeze bashikirwa n’umugabisha hambere yawe, kugira bibuke baheze bikebuke.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَوۡلَآ أَن تُصِيبَهُم مُّصِيبَةُۢ بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيهِمۡ فَيَقُولُواْ رَبَّنَا لَوۡلَآ أَرۡسَلۡتَ إِلَيۡنَا رَسُولٗا فَنَتَّبِعَ ءَايَٰتِكَ وَنَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Iyo rero hataba ukwanka guhanira abagarariji ivyaha vyabo batarashikirwa n’Intumwa, bakavuga bigovyora bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ubwo ntiwari gupfuma ubanza kuturungikira Intumwa, maze tugakurikira Aayah ziri mu Gitabu cawe Wamanuye, tugaheza tukaba no mu bemeramana!”, ntitwari kukurungika.
अरबी व्याख्याहरू:
فَلَمَّا جَآءَهُمُ ٱلۡحَقُّ مِنۡ عِندِنَا قَالُواْ لَوۡلَآ أُوتِيَ مِثۡلَ مَآ أُوتِيَ مُوسَىٰٓۚ أَوَلَمۡ يَكۡفُرُواْ بِمَآ أُوتِيَ مُوسَىٰ مِن قَبۡلُۖ قَالُواْ سِحۡرَانِ تَظَٰهَرَا وَقَالُوٓاْ إِنَّا بِكُلّٖ كَٰفِرُونَ
Igihe rero Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) izaniye nya bagararji ukuri kuvuye iwacu Twebwe Allah, bavuze bati: “Ubwo ntiyari gupfuma ahabwa ibitangaro bifadika nk’ivyahawe Musa, akanamanurirwa Qor’ani iri hamwe nka Tawurati!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “None aho hambere yanje, abayahudi ntibagararije Musa kandi yahawe n’ibitangaro bifadika bivuye ku Mana Allah!”. Baranavuze ko Tawurati na Qor’ani bihuriye ku kuba vyose ari uburozi bukomoka hamwe, baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri rero twebwe, ivyo Bitabu uko ari bibiri n’Intumwa zabihawe, tubigararije vyose”.
अरबी व्याख्याहरू:
قُلۡ فَأۡتُواْ بِكِتَٰبٖ مِّنۡ عِندِ ٱللَّهِ هُوَ أَهۡدَىٰ مِنۡهُمَآ أَتَّبِعۡهُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji uti: “Enda nyabuna rero, nimuzane igitabu kivuye ku Mana Allah, coba kirimwo uburongozi busumba uburi muri Tawurati no muri Qor’ani, mpeze nanje ndagikurikire nimwaba muri imvugakuri!”;
अरबी व्याख्याहरू:
فَإِن لَّمۡ يَسۡتَجِيبُواْ لَكَ فَٱعۡلَمۡ أَنَّمَا يَتَّبِعُونَ أَهۡوَآءَهُمۡۚ وَمَنۡ أَضَلُّ مِمَّنِ ٱتَّبَعَ هَوَىٰهُ بِغَيۡرِ هُدٗى مِّنَ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Nibatashobora kuzana nya gitabu, bakabura n’ikindi cireguzo berekana, uzoce umenya rero ko bakurikira ivyipfuzo vyabo gusa. Nta muntu n’umwe yahuvye yoza asumba uwutwarwa n’ivyipfuzo vyiwe, atisunga uburongozi buvuye ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo abantu birenganya mu guca kubiri n’amabwirizwa yayo.
अरबी व्याख्याहरू:
۞ وَلَقَدۡ وَصَّلۡنَا لَهُمُ ٱلۡقَوۡلَ لَعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twaratomoreye Qor’ani abantu warungitsweko kugira bibuke bikebuke, baheze bayizigame.
अरबी व्याख्याहरू:
ٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ مِن قَبۡلِهِۦ هُم بِهِۦ يُؤۡمِنُونَ
Abo Twahaye Igitabu imbere y’imanurwa rya Qor’ani mu bayahudi n’abanaswara batahindaguye ibiri muri nya Gitabu, baremera Qor’ani hamwe n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِذَا يُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِهِۦٓ إِنَّهُ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّنَآ إِنَّا كُنَّا مِن قَبۡلِهِۦ مُسۡلِمِينَ
N’iyo basomewe Qor’ani, baravyemanga bakavuga bati: “Twaremeye Qor’ani turanayigendera; burya Qor’ani, ni ukuri kuzima kuva ku Mana Allah, mu vy’ukuri n’imbere yuko Qor’ani imanurwa, twari abislamu bemera Imana Imwe Rudende Allah bakanayisenga”.
अरबी व्याख्याहरू:
أُوْلَٰٓئِكَ يُؤۡتَوۡنَ أَجۡرَهُم مَّرَّتَيۡنِ بِمَا صَبَرُواْ وَيَدۡرَءُونَ بِٱلۡحَسَنَةِ ٱلسَّيِّئَةَ وَمِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ يُنفِقُونَ
Abo, ni bo rero bazohabwa indishi y’ivyo bakoze incuro zibiri; indishi y’ukwihangana bakemera Igitabu cabo, n’indishi y’ukwemera Qor’ani. Biri no mu bibaranga, kuba ikibi bakorewe bagisubiriza iciza; ntibagera ingere ku yindi, no mu vyo Twabaronkeje baratanga mu bikorwa vyiza;
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِذَا سَمِعُواْ ٱللَّغۡوَ أَعۡرَضُواْ عَنۡهُ وَقَالُواْ لَنَآ أَعۡمَٰلُنَا وَلَكُمۡ أَعۡمَٰلُكُمۡ سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡ لَا نَبۡتَغِي ٱلۡجَٰهِلِينَ
N’iyo bumvise amajambo y’imburakimazi barayirengagiza, ntibigera bayatega ugutwi, bagaheza bakavuga bati: “Turafise ibikorwa vyiza dukora tudahesha, na mwe nyene murafise ibikorwa vyanyu mukora muzohemberwa, nta mwanya rero dutakaza mu kubishura mu mpari, nta n’ico mutwumvako atari iciza no kubipfuriza amahoro, ntitunakunda ingeso mbi n’abantu b’inshirasoni[4]”.
[4] Inyishu nk’izi, ni zo zikwiye gukoreshwa n’abashikirizabutumwa bararikira abantu ukwemera Imana Imwe Rudende Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّكَ لَا تَهۡدِي مَنۡ أَحۡبَبۡتَ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ يَهۡدِي مَن يَشَآءُۚ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُهۡتَدِينَ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri wewe, ntushobora kurongora uwo ukunda ngo umushoboze kwemera; ariko Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Igaheza Ikamushoboza kwemera, ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi bakwiye gutumbera inzira y’ukwemera.
अरबी व्याख्याहरू:
وَقَالُوٓاْ إِن نَّتَّبِعِ ٱلۡهُدَىٰ مَعَكَ نُتَخَطَّفۡ مِنۡ أَرۡضِنَآۚ أَوَلَمۡ نُمَكِّن لَّهُمۡ حَرَمًا ءَامِنٗا يُجۡبَىٰٓ إِلَيۡهِ ثَمَرَٰتُ كُلِّ شَيۡءٖ رِّزۡقٗا مِّن لَّدُنَّا وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Abagarariji b’i Makka babwiye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bati: “Hamwe tworamuka dukurikiye ukuri watuzaniye tukavavanura n’ibangikanyamana, twokwicwa, tukagirwa imbohe, tukamburwa n’amatungo yacu!”. Mbega Twebwe Allah, ntitwabatsimbataje mu gisagara ca Makka gitekanye, kuko Twaziririje ko giseserwamwo amaraso, Turaheza Tubaronsa muri nya gisagara ivyamwa vy’ubwoko bwose, bizanwa bivuye mu yandi makungu! Ariko rero abenshi mu babangikanyamana, ntibazi akamaro k’izo nema ngo baheze bazishimire Imana Allah mu kuyumvira.
अरबी व्याख्याहरू:
وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِن قَرۡيَةِۭ بَطِرَتۡ مَعِيشَتَهَاۖ فَتِلۡكَ مَسَٰكِنُهُمۡ لَمۡ تُسۡكَن مِّنۢ بَعۡدِهِمۡ إِلَّا قَلِيلٗاۖ وَكُنَّا نَحۡنُ ٱلۡوَٰرِثِينَ
Hari n’abantu benshi Twahoneje mu ducimbiri, igihe bahendwa no kuroranirwa mu buzima bwabo, bituma bagira amanyama mu kugarariza Intumwa; ng’iyo n’imihana yabo, nta n’umwe yashoboye kuyibamwo inyuma y’ihonywa ryabo, ku kubera ububi bw’ivyaha bahakoreye, kiretse akanya gato uwurengana ahamara, ni na Twebwe Allah rero Twatoranye nya mihana.
अरबी व्याख्याहरू:
وَمَا كَانَ رَبُّكَ مُهۡلِكَ ٱلۡقُرَىٰ حَتَّىٰ يَبۡعَثَ فِيٓ أُمِّهَا رَسُولٗا يَتۡلُواْ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتِنَاۚ وَمَا كُنَّا مُهۡلِكِي ٱلۡقُرَىٰٓ إِلَّا وَأَهۡلُهَا ظَٰلِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Ntivyari gushika ko Imana yawe Rurema Allah, Ihonya uducimbiri dukikuje igisagara ca Makka, Itabanje kurungika muri ico gisagara Intumwa ibasomera Aayah zacu Twebwe Allah, kanatsinda ntitwigeze Duhonya uducimbiri, kiretse ko abatubamwo baba birenganije mu kugarariza, maze Imana Allah Ikabahanira ubugarariji bwabo.
अरबी व्याख्याहरू:
وَمَآ أُوتِيتُم مِّن شَيۡءٖ فَمَتَٰعُ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَزِينَتُهَاۚ وَمَا عِندَ ٱللَّهِ خَيۡرٞ وَأَبۡقَىٰٓۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Bantu! Ico cose muronswa mu bibondo n’amatungo, ni ico kuryoherwa gato mu buzima bwo kw’isi, ni n’igisharizo gusa muri nya buzima. Nayo ibitegekanirijwe abagamburukiramana biri ku Mana Allah, ni vyo vyiza gusumba kandi vyamaho. Mbega none, ntimwogarura akenge ngo mutahure ikibi n’iciza!
अरबी व्याख्याहरू:
أَفَمَن وَعَدۡنَٰهُ وَعۡدًا حَسَنٗا فَهُوَ لَٰقِيهِ كَمَن مَّتَّعۡنَٰهُ مَتَٰعَ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا ثُمَّ هُوَ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ مِنَ ٱلۡمُحۡضَرِينَ
Mbega none umuntu Twasezeraniye guha Ubwami bw’ijuru ku bugamburukiramana bwiwe, maze akazoronka ivyo Twamusezeraniye, ni nk’uwo Twahaye kuryoherwa gato mu buzima bwo kw’isi, maze akaryoherwa na nya buzima akabuhurumbira ha guhurumbira ubuzima bw’inyuma yo gupfa, hanyuma akazoshengezwa ku musi w’izuka, kugira aharurirwe ku vyo yakoze! Abo bantu babiri ntibashobora kunganya namba ubutore.
अरबी व्याख्याहरू:
وَيَوۡمَ يُنَادِيهِمۡ فَيَقُولُ أَيۡنَ شُرَكَآءِيَ ٱلَّذِينَ كُنتُمۡ تَزۡعُمُونَ
Umusi rero Imana Allah Yahamagaye abayibangikanije Ikababwira Iti: “Bari hehe kuri uno musi abo mwambakinanije kw’isi, mwibaza ko Tungana?”.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ ٱلَّذِينَ حَقَّ عَلَيۡهِمُ ٱلۡقَوۡلُ رَبَّنَا هَٰٓؤُلَآءِ ٱلَّذِينَ أَغۡوَيۡنَآ أَغۡوَيۡنَٰهُمۡ كَمَا غَوَيۡنَاۖ تَبَرَّأۡنَآ إِلَيۡكَۖ مَا كَانُوٓاْ إِيَّانَا يَعۡبُدُونَ
Abararikira ubugarariji bamaze kwagirwa n’ibihano ku musi w’izuka, bazovuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Aba twahubishije, twabahubishije nk’uko na twe nyene twahuvye, turabiyamirije imbere yawe, mbere si twebwe bahora basenga, bahora basenga amashetani”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَقِيلَ ٱدۡعُواْ شُرَكَآءَكُمۡ فَدَعَوۡهُمۡ فَلَمۡ يَسۡتَجِيبُواْ لَهُمۡ وَرَأَوُاْ ٱلۡعَذَابَۚ لَوۡ أَنَّهُمۡ كَانُواْ يَهۡتَدُونَ
Ababangikanyamana, ku musi w’izuka bazobwirwa bati: “Nimuhamagare rero abo mwahora mumbangikanya, mukabasenga mu gishingo canje Jewe Allah, baheze babakure mu bihano!”. Bazoheza rero babahamagare bananirwe kubitaba, maze imigwi yompi ibone ukuri kwamye ibihano biyirindiriye, iheze yicuze kubona itari mu bagororotsi kw’isi.
अरबी व्याख्याहरू:
وَيَوۡمَ يُنَادِيهِمۡ فَيَقُولُ مَاذَآ أَجَبۡتُمُ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Umusi Imana Allah Yahamagaye ababangikanyamana Ikababwira Iti: “Mbega Intumwa Nabarungikiye mwazumviye gute!”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَعَمِيَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلۡأَنۢبَآءُ يَوۡمَئِذٖ فَهُمۡ لَا يَتَسَآءَلُونَ
Nta vyireguzo kuri uwo musi bazoronka, bazobura ayo bacira n’ayo bamira, ntibazonabazanya hagati yabo ngo baronke inyishu yobagirira akamaro.
अरबी व्याख्याहरू:
فَأَمَّا مَن تَابَ وَءَامَنَ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا فَعَسَىٰٓ أَن يَكُونَ مِنَ ٱلۡمُفۡلِحِينَ
Uwo wese rero yigaye mu babangikanyamana, agaheza akemera akanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, azoba ari mu baronse intsinzi mu buzima bwo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
अरबी व्याख्याहरू:
وَرَبُّكَ يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُ وَيَخۡتَارُۗ مَا كَانَ لَهُمُ ٱلۡخِيَرَةُۚ سُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Ntumwa y’Imana! Imana yawe Rurema Allah, Irema ico Ishatse kurema, Ikanatora kuba umutoni wayo uwo Ishatse. Nta kiremwa na kimwe rero cokwishoboza gufata ingingo no guhitamwo ikintu, mu gihe Imana Allah Itabishatse. Nihaninahazwe rero Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya;
अरबी व्याख्याहरू:
وَرَبُّكَ يَعۡلَمُ مَا تُكِنُّ صُدُورُهُمۡ وَمَا يُعۡلِنُونَ
Kandi burya Imana yawe Rurema Allah, Irazi neza ibihishijwe mu mishaha y’ibiremwa vyayo hamwe n’ivyo bigirira ku mugaragaro.
अरबी व्याख्याहरू:
وَهُوَ ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ لَهُ ٱلۡحَمۡدُ فِي ٱلۡأُولَىٰ وَٱلۡأٓخِرَةِۖ وَلَهُ ٱلۡحُكۡمُ وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Ni Allah ata mana yindi ibwirijwe gusengwa atari Yo; ishimagizwa, ni iryayo mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa; ishingwa ry’ingingo ku biremwa, ni iryayo. Ni no kuri Yo rero mwebwe mwese muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muhemberwe n'ivyo mwakoze.
अरबी व्याख्याहरू:
قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ إِن جَعَلَ ٱللَّهُ عَلَيۡكُمُ ٱلَّيۡلَ سَرۡمَدًا إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ مَنۡ إِلَٰهٌ غَيۡرُ ٱللَّهِ يَأۡتِيكُم بِضِيَآءٍۚ أَفَلَا تَسۡمَعُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Nimumbwire uko vyogenda, mbe mu gihe Imana Allah Yobagirira ijoro ryamaho gushika ku musi w’umuhero w’isi, ni iyihe mana yindi atari Imana Allah yobazanira umuco ubamurikira ku murango! Ubwo ntimwokwumva mugategera!”.
अरबी व्याख्याहरू:
قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ إِن جَعَلَ ٱللَّهُ عَلَيۡكُمُ ٱلنَّهَارَ سَرۡمَدًا إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ مَنۡ إِلَٰهٌ غَيۡرُ ٱللَّهِ يَأۡتِيكُم بِلَيۡلٖ تَسۡكُنُونَ فِيهِۚ أَفَلَا تُبۡصِرُونَ
Ntumwa y’Imana! Babwire kandi uti: “Nimumbwire uko vyogenda, mbe mu gihe Imana Allah Yobagirira umurango wamaho gushika ku musi w’umuhero w’isi, ni iyihe mana yindi atari Imana Allah yobazanira ijoro mwotururamwo! Ubwo ntimushobora kubona mukihweza itandukaniro riri hagati y’ijoro n’umurango!”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَمِن رَّحۡمَتِهِۦ جَعَلَ لَكُمُ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ لِتَسۡكُنُواْ فِيهِ وَلِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Bantu! Ni ku mpuhwe z’Imana Allah rero kuba Yarabagiriye ijoro n’umurango bikurakuranwa mu kubisikanya, Iraheza Igira ijoro kuba umuzimagiza kugira muturure muri nya joro muheze muruhuke; Igira n’umurango kuba habona kugira murondere icorirenza mu mpano zayo. Ivyo vyose Yabibagiriye kugira muyishimire ku nema zayo Yabahaye.
अरबी व्याख्याहरू:
وَيَوۡمَ يُنَادِيهِمۡ فَيَقُولُ أَيۡنَ شُرَكَآءِيَ ٱلَّذِينَ كُنتُمۡ تَزۡعُمُونَ
Umusi rero Imana Allah Yahamagaye abayibangikanije Ikababwira Iti: “Bari hehe kuri uno musi abo mwambangikanije kw’isi, mwibaza ko Tungana?”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَنَزَعۡنَا مِن كُلِّ أُمَّةٖ شَهِيدٗا فَقُلۡنَا هَاتُواْ بُرۡهَٰنَكُمۡ فَعَلِمُوٓاْ أَنَّ ٱلۡحَقَّ لِلَّهِ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ
Tuzoheza rero Twebwe Allah, Dukure icabona mu mugwi uwo ari wo wose w’abantu bagararije, ico cabona kikazoba ari Intumwa barungikiwe izobagiriza ko bayigararije, maze Tubwire nya mugwi w’abantu Duti: “Enda nyabuna rero, nimuzane ivyemezo vyanyu mwisunga mu kubangikanya Imana Allah!”, ntibazoronka n’ico bireguza. Bazoheza rero bamenye ko icemezo c’ukuri ari ikivuye ku Mana Allah, maze bihakane ibangikanyamana, eka n’ivugirwa baziga ku bigirwamana vyabo, nta ryo bazokwigera baronka.
अरबी व्याख्याहरू:
۞ إِنَّ قَٰرُونَ كَانَ مِن قَوۡمِ مُوسَىٰ فَبَغَىٰ عَلَيۡهِمۡۖ وَءَاتَيۡنَٰهُ مِنَ ٱلۡكُنُوزِ مَآ إِنَّ مَفَاتِحَهُۥ لَتَنُوٓأُ بِٱلۡعُصۡبَةِ أُوْلِي ٱلۡقُوَّةِ إِذۡ قَالَ لَهُۥ قَوۡمُهُۥ لَا تَفۡرَحۡۖ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُحِبُّ ٱلۡفَرِحِينَ
Mu vy’ukuri Qaaruuni, yari mu bantu ba Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) araheza abishimako. Twebwe Allah, Twaranahaye Qaaruuni amatungo menshi, kugera n’aho impfunguruzo z’ububiko bwa nya matungo zaterurwa n’umugwi w’abagabo b’imirya. Igihe rero abantu ba Qaaruuni bamubwira bamuhanura bati: “Ntugire amanyama mu kwishimira amatungo yawe; mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda na gato abanyamanyama bishimira ivyo bafise, ha kuyishimira ku nema zayo;
अरबी व्याख्याहरू:
وَٱبۡتَغِ فِيمَآ ءَاتَىٰكَ ٱللَّهُ ٱلدَّارَ ٱلۡأٓخِرَةَۖ وَلَا تَنسَ نَصِيبَكَ مِنَ ٱلدُّنۡيَاۖ وَأَحۡسِن كَمَآ أَحۡسَنَ ٱللَّهُ إِلَيۡكَۖ وَلَا تَبۡغِ ٱلۡفَسَادَ فِي ٱلۡأَرۡضِۖ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Enda nyabuna rero, ronderera indishi zo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, mu gutanga mu vyo Imana Allah Yaguhaye, kandi ntuzokwiyibagire mu kwibeshaho neza kw’isi ata gusesagura, uheze uhereze abantu imperezwa ku bugwaneza ata gashinyaguro, nka kurya Imana Allah Yakugiriye ubugwaneza mu kuguha amatungo menshi; kandi ntukagire ubwononyi kw’isi mu gutandukira ibizira no kwishima ku bantu, mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda na gato abagenzwa n’ubwononyi kw’isi”.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ إِنَّمَآ أُوتِيتُهُۥ عَلَىٰ عِلۡمٍ عِندِيٓۚ أَوَلَمۡ يَعۡلَمۡ أَنَّ ٱللَّهَ قَدۡ أَهۡلَكَ مِن قَبۡلِهِۦ مِنَ ٱلۡقُرُونِ مَنۡ هُوَ أَشَدُّ مِنۡهُ قُوَّةٗ وَأَكۡثَرُ جَمۡعٗاۚ وَلَا يُسۡـَٔلُ عَن ذُنُوبِهِمُ ٱلۡمُجۡرِمُونَ
Qaaruuni n’ubwishime n’akantu yabishuye ati: “Ni ukuri aya matungo, nayahawe ku bumenyi n’ubukerebutsi mfise!”. Mbega Qaaruuni, ntiyamenye ko mu vy’ukuri Imana Allah Yahoneje hambere yiwe mu migwi y’abantu, abari bafise inguvu n’amatungo menshi kumurusha! Kandi burya abanyavyaha, ntibazobazwa ku vyaha vyabo kugira bishure ku vyo Imana Allah Itazi, ahubwo bazobazwa kugira bamaramare, bateterwe.
अरबी व्याख्याहरू:
فَخَرَجَ عَلَىٰ قَوۡمِهِۦ فِي زِينَتِهِۦۖ قَالَ ٱلَّذِينَ يُرِيدُونَ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا يَٰلَيۡتَ لَنَا مِثۡلَ مَآ أُوتِيَ قَٰرُونُ إِنَّهُۥ لَذُو حَظٍّ عَظِيمٖ
Ni ho rero Qaaruuni yasohoka ashajije imbere y’abantu biwe kugira babone ko ahambaye. Abagomba ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi bagize ngo baramubonye, baciye bavuga bati: “Ese icari kuduha amatungo n’icubahiro nk’ivyo Qaaruuni yahawe! Mu vy’ukuri Qaaruuni, yarahawe ibakwe ryo kuronka umugabane uhambaye mu vy’isi”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَقَالَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡعِلۡمَ وَيۡلَكُمۡ ثَوَابُ ٱللَّهِ خَيۡرٞ لِّمَنۡ ءَامَنَ وَعَمِلَ صَٰلِحٗاۚ وَلَا يُلَقَّىٰهَآ إِلَّا ٱلصَّٰبِرُونَ
Nayo abahawe ubumenyi bwo gutahura Imana Allah n’amabwirizwa yayo, barabishuye bavuga bati: “Murahumiwe! Burya indishi y’Imana Allah ku muntu yayemeye akemera n’Intumwa zayo, agakora n’ivyiza bitegetswe, ni yo nziza gusumba ivyahawe Qaaruuni. Nta n’abakira iyi mpanuro bagashobozwa kuyigendera, kiretse abihanganira kwumvira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَخَسَفۡنَا بِهِۦ وَبِدَارِهِ ٱلۡأَرۡضَ فَمَا كَانَ لَهُۥ مِن فِئَةٖ يَنصُرُونَهُۥ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَمَا كَانَ مِنَ ٱلۡمُنتَصِرِينَ
Ni ho rero Twebwe Allah, Twafuririra Qaaruuni n’inyubakwa yiwe mu kuzimu maze amirwa n’isi, ntiyanaronse n’umwe mu ngabo, yomukingira ibihano vy’Imana Allah, eka ntiyari no mu barokoka muri nya bihano;
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَصۡبَحَ ٱلَّذِينَ تَمَنَّوۡاْ مَكَانَهُۥ بِٱلۡأَمۡسِ يَقُولُونَ وَيۡكَأَنَّ ٱللَّهَ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦ وَيَقۡدِرُۖ لَوۡلَآ أَن مَّنَّ ٱللَّهُ عَلَيۡنَا لَخَسَفَ بِنَاۖ وَيۡكَأَنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلۡكَٰفِرُونَ
Maze abipfuje kuba nka Qaaruuni bazinduka batekewe n’ubwoba n’akantu bavuga bati: “Ewe jewe wanje! Ni ukuri burya Imana Allah, Iha umusesekara w’ibibeshaho uwo Ishatse mu baja bayo, Ikanagerera uwo Ishatse muri bo. Iyo Imana Allah Itatugirira ubuntu, Yari kuduhanira hamwe na Qaaruuni ku vyo twavuze. Ewe jewe wanje! Ni ukuri, burya abagarariji ntibazoronka intsinzi namba yo gushika ku vyo bipfuza, haba mu buzima bwo kw’isi eka no mu bw’inyuma yo gupfa”.
अरबी व्याख्याहरू:
تِلۡكَ ٱلدَّارُ ٱلۡأٓخِرَةُ نَجۡعَلُهَا لِلَّذِينَ لَا يُرِيدُونَ عُلُوّٗا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا فَسَادٗاۚ وَٱلۡعَٰقِبَةُ لِلۡمُتَّقِينَ
Ivyiza vyo muri ubwo buzima bw’inyuma yo gupfa, Tubigenera gusa abantu batagenzwa n’amanyama mu guhonyanga ukuri, no mu gukwiragiza ubwononyi kw’isi. Burya iherezo ryiza ryo kuronswa Ubwami bw’ijuru, ni iry’abagamburukiramana.
अरबी व्याख्याहरू:
مَن جَآءَ بِٱلۡحَسَنَةِ فَلَهُۥ خَيۡرٞ مِّنۡهَاۖ وَمَن جَآءَ بِٱلسَّيِّئَةِ فَلَا يُجۡزَى ٱلَّذِينَ عَمِلُواْ ٱلسَّيِّـَٔاتِ إِلَّا مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Abazoza rero ku musi w’izuka baremera Imana Imwe Rudende Allah, bakaba baranakoze n’ivyiza bitegetswe, bazoheza bahabwe n’Imana Allah indishi nziza cane y’Ubwami bw’ijuru. Nayo abazoza kuri nya musi barabangikanya Imana Allah baranakoze n’ivyaha, nibamenye ko abakoze ivyaha batazohembwa kiretse ku vyaha nyene bakoze.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّ ٱلَّذِي فَرَضَ عَلَيۡكَ ٱلۡقُرۡءَانَ لَرَآدُّكَ إِلَىٰ مَعَادٖۚ قُل رَّبِّيٓ أَعۡلَمُ مَن جَآءَ بِٱلۡهُدَىٰ وَمَنۡ هُوَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٖ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, Uwakumanuriye Qor’ani Akakubwiriza kuyigendera no kurarikira abantu kuyikurikira, ni ukuri Azogusubiza iyo waje uva i Makka. Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Imana yanje Rurema Allah, Irazi neza uwazanye uburongozi, Irazi n’uwuri mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَمَا كُنتَ تَرۡجُوٓاْ أَن يُلۡقَىٰٓ إِلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبُ إِلَّا رَحۡمَةٗ مِّن رَّبِّكَۖ فَلَا تَكُونَنَّ ظَهِيرٗا لِّلۡكَٰفِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Ntiwaziga ko wururukirizwa Igitabu ca Qor’ani, ariko Imana Allah ku mpuhwe zayo Yarakikumanuriye. Uraheza rero ushimire Imana Allah ku nema zayo, kandi ntukabe umufasha w’abagarariji mu bwononyi.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَا يَصُدُّنَّكَ عَنۡ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ بَعۡدَ إِذۡ أُنزِلَتۡ إِلَيۡكَۖ وَٱدۡعُ إِلَىٰ رَبِّكَۖ وَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Ababangikanyamana, ntibakakubuze gushikiriza Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah inyuma y’aho Ibikumanuriye, shikiriza rero ata guhigimanga ubutumwa bw’Imana yawe Rurema Allah, kandi ntukabe mu babangikanyamana ku kintu na kimwe.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَا تَدۡعُ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَۘ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۚ كُلُّ شَيۡءٍ هَالِكٌ إِلَّا وَجۡهَهُۥۚ لَهُ ٱلۡحُكۡمُ وَإِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Ntukiyegereze mu gusenga iyindi mana hamwe n’Imana Allah, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ikintu cose kizohona kiretse Imana Allah ubwayo Yonyene[5]. Ishingwa ry’ingingo ku biremwa ni iryayo, ni no kuri Yo muzosubizwa mumaze gupfa kugira muharurirwe, muhemberwe n'ivyo mwakoze.
[5] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise mu maso mu buryo buberanye n’icubahiro cayo.
अरबी व्याख्याहरू:
 
अर्थको अनुवाद सूरः: सूरतुल् कसस
अध्यायहरूको (सूरःहरूको) सूची رقم الصفحة
 
पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - الترجمة الكيروندية - अनुवादहरूको सूची

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

बन्द गर्नुस्