पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - الترجمة الكيروندية * - अनुवादहरूको सूची

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थको अनुवाद श्लोक: (15) सूरः: सूरतुल् अहकाफ
وَوَصَّيۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ بِوَٰلِدَيۡهِ إِحۡسَٰنًاۖ حَمَلَتۡهُ أُمُّهُۥ كُرۡهٗا وَوَضَعَتۡهُ كُرۡهٗاۖ وَحَمۡلُهُۥ وَفِصَٰلُهُۥ ثَلَٰثُونَ شَهۡرًاۚ حَتَّىٰٓ إِذَا بَلَغَ أَشُدَّهُۥ وَبَلَغَ أَرۡبَعِينَ سَنَةٗ قَالَ رَبِّ أَوۡزِعۡنِيٓ أَنۡ أَشۡكُرَ نِعۡمَتَكَ ٱلَّتِيٓ أَنۡعَمۡتَ عَلَيَّ وَعَلَىٰ وَٰلِدَيَّ وَأَنۡ أَعۡمَلَ صَٰلِحٗا تَرۡضَىٰهُ وَأَصۡلِحۡ لِي فِي ذُرِّيَّتِيٓۖ إِنِّي تُبۡتُ إِلَيۡكَ وَإِنِّي مِنَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ
Twategetse umuntu kwubaha no kwubahiriza abavyeyi biwe mu bugwaneza[3]; na canecane nyina wiwe kuko yamutwaye imbanyi umuruho ku wundi; aranamwibaruka umuruho ku wundi; gutyo ikiringo co kumutwara imbanyi gushika acuke, kiba amezi mirongo itatu. Umuntu rero, amaze kugera mu bigero vy’umugabo abushitse, maze agashikana imyaka mirongo ine, araheza agasaba Imana Allah atakamba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa kwama nibuka gushima inema zawe Wampaye, jewe hamwe n’abavyeyi banje, Wongere Unshoboze no gukora ivyiza bigushimisha, Unampere n’indero nziza n’ukuroranirwa uruvyaro rwanje. Jewe mu vy’ukuri, nigaye kuri Wewe ivyaha vyanje, kandi ndi no mu bicisha bugufi mu kwubahiriza amabwirizwa yawe”.
[3] Umuntu ategetswe kwubaha no kwubahiriza abavyeyi biwe, mu buzima bwabo bwose n’inyuma y’aho bamaze gupfa, na canecane nyina wiwe.
अरबी व्याख्याहरू:
 
अर्थको अनुवाद श्लोक: (15) सूरः: सूरतुल् अहकाफ
अध्यायहरूको (सूरःहरूको) सूची رقم الصفحة
 
पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - الترجمة الكيروندية - अनुवादहरूको सूची

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

बन्द गर्नुस्