ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - الترجمة الكيروندية * - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߟߝߊߙߌ ߘߏ߫: (101) ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߛߎ߬ߡߊ߲߬ߝߍ ߝߐߘߊ
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَسۡـَٔلُواْ عَنۡ أَشۡيَآءَ إِن تُبۡدَ لَكُمۡ تَسُؤۡكُمۡ وَإِن تَسۡـَٔلُواْ عَنۡهَا حِينَ يُنَزَّلُ ٱلۡقُرۡءَانُ تُبۡدَ لَكُمۡ عَفَا ٱللَّهُ عَنۡهَاۗ وَٱللَّهُ غَفُورٌ حَلِيمٞ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukabaze ku ngingo yerekeye ibintu mutatomorewe mw’idini[35], kandi mu gihe mwotomorerwa ingingo yavyo yobaremera kuyubahiriza. Mu gihe mwobaza ingingo yavyo Intumwa ikihari ikimanurirwa Qor’ani, mwotomorewe ingingo yavyo. Imana Allah Yaretse kubatomorera ingingo yavyo Ibibona ku neza yanyu, kugira ntimunanirwe kuvyubahiriza. Burya Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana.
[35] Nko kubaza ingingo yerekeye ibintu bitigera bibaho, canke kubaza ingingo yerekeye ibintu mu gihe yotomorwa yobaberamwo amananiza; nk’igihe Al-Aqra’u mwene Haabisi yabaza ko ugushengerera ingoro ntagatifu ari ku mwaka ku mwaka. Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ikamwishura iti: “Iyo nishura nti: “Ego cane!”, ryaca riba itegeko ko mushengerera ingoro ntagatifu uko umwaka utashe, kandi ntimwari kubishobora namba”.
ߊߙߊߓߎߞߊ߲ߡߊ ߞߘߐߦߌߘߊ ߟߎ߬:
 
ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌ߬ߘߊ߬ߟߌ ߟߝߊߙߌ ߘߏ߫: (101) ߝߐߘߊ ߘߏ߫: ߛߎ߬ߡߊ߲߬ߝߍ ߝߐߘߊ
ߝߐߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ ߞߐߜߍ ߝߙߍߕߍ
 
ߞߎ߬ߙߣߊ߬ ߞߟߊߒߞߋ ߞߘߐ ߟߎ߬ ߘߟߊߡߌߘߊ - الترجمة الكيروندية - ߘߟߊߡߌߘߊ ߟߎ߫ ߦߌ߬ߘߊ߬ߥߟߊ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

ߘߊߕߎ߲߯ߠߌ߲