Check out the new design

Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti * - Ishakiro ry'ibisobanuro

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ibisobanuro by'amagambo Isura: Al Kah’fu   Umurongo:
إِنَّا مَكَّنَّا لَهُۥ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَءَاتَيۡنَٰهُ مِن كُلِّ شَيۡءٖ سَبَبٗا
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaratsimbataje umwami Dhu l-Qarnayini kw’isi, Turaheza Tumuha uburyo n’inguvu bimushoboza gushika ku ntsinzi iyo ari yo yose yipfuza.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَأَتۡبَعَ سَبَبًا
Ni ho rero yakoresha ubwo buryo n’inguvu ata guhesha.
Ibisobanuro by'icyarabu:
حَتَّىٰٓ إِذَا بَلَغَ مَغۡرِبَ ٱلشَّمۡسِ وَجَدَهَا تَغۡرُبُ فِي عَيۡنٍ حَمِئَةٖ وَوَجَدَ عِندَهَا قَوۡمٗاۖ قُلۡنَا يَٰذَا ٱلۡقَرۡنَيۡنِ إِمَّآ أَن تُعَذِّبَ وَإِمَّآ أَن تَتَّخِذَ فِيهِمۡ حُسۡنٗا
Umwami Dhu l-Qarnayini rero, yaragiye gushika n’aho amaze kugera mu burengero bw’izuba, yasanze izuba riboneka nk’aho rirengera mw’iriba ry’amazi arimwo ivu ryirabura; muri nya burengero bw’izuba yahasanze abantu b’abahakanyi. Twebwe Allah Twamubwiye Duti: “Ewe Dhu l-Qarnayini! Nibatemera Imana Imwe Rudende Allah, ushatse urabaha igihano co kwicwa, canke ubagirire ubugwaneza uheze ubigishe, maze ubarongore mu nzira igororotse”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ أَمَّا مَن ظَلَمَ فَسَوۡفَ نُعَذِّبُهُۥ ثُمَّ يُرَدُّ إِلَىٰ رَبِّهِۦ فَيُعَذِّبُهُۥ عَذَابٗا نُّكۡرٗا
Umwami Dhu l-Qarnayini yahisemwo kubigisha, aca avuga ati: “Uwirenganije muri bo agatsimbatara ku bugarariji, tuzomuhanisha igihano co kwicwa ng’aha kw’isi, hanyuma niyasubizwa ku Mana yiwe Rurema Allah, Iheze Imuhe ibihano rutura mu muriro wa Jahannamu;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَأَمَّا مَنۡ ءَامَنَ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا فَلَهُۥ جَزَآءً ٱلۡحُسۡنَىٰۖ وَسَنَقُولُ لَهُۥ مِنۡ أَمۡرِنَا يُسۡرٗا
Nayo uwemeye Imana Allah agakora n’ivyiza bitegetswe, azoheza ahabwe indishi nziza, tuzonamworohereza mu mvugo n’ingiro, maze tuyage neza tunabane na we neza”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
ثُمَّ أَتۡبَعَ سَبَبًا
Umwami Dhu l-Qarnayini yarahejeje asubira mu buseruko akoresheje uburyo n’inguvu yahawe n’Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
حَتَّىٰٓ إِذَا بَلَغَ مَطۡلِعَ ٱلشَّمۡسِ وَجَدَهَا تَطۡلُعُ عَلَىٰ قَوۡمٖ لَّمۡ نَجۡعَل لَّهُم مِّن دُونِهَا سِتۡرٗا
Yaragiye, gushika n’aho amaze kugera mu buseruko bw’izuba, yasanze izuba riseruka rikarasira ku bantu, Twebwe Allah Tutigeze Duha inyubakwa canke ibiti bibakingira izuba.
Ibisobanuro by'icyarabu:
كَذَٰلِكَۖ وَقَدۡ أَحَطۡنَا بِمَا لَدَيۡهِ خُبۡرٗا
Ni ukuri, ni nk’uko rero Twebwe Allah, ubumenyi bwacu bwakikuje uburyo n’inguvu Twahaye Dhu l-Qarnayini, akazikoresha ku neza aho agiye hose.
Ibisobanuro by'icyarabu:
ثُمَّ أَتۡبَعَ سَبَبًا
Mu nyuma y’aho, Dhu l-Qarnayini yarabandanije akoresha uburyo n’inguvu Twamuhaye ata guhesha;
Ibisobanuro by'icyarabu:
حَتَّىٰٓ إِذَا بَلَغَ بَيۡنَ ٱلسَّدَّيۡنِ وَجَدَ مِن دُونِهِمَا قَوۡمٗا لَّا يَكَادُونَ يَفۡقَهُونَ قَوۡلٗا
Aragenda gushika n’aho amaze kugera hagati na hagati y’imisozi ibiri ikingiriye ibiri hakurya, hakuno ya nya misozi yahasanze abantu bahakwa kudatahura ururimi rw’abandi bantu;
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالُواْ يَٰذَا ٱلۡقَرۡنَيۡنِ إِنَّ يَأۡجُوجَ وَمَأۡجُوجَ مُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَهَلۡ نَجۡعَلُ لَكَ خَرۡجًا عَلَىٰٓ أَن تَجۡعَلَ بَيۡنَنَا وَبَيۡنَهُمۡ سَدّٗا
Nya bantu bavuze bati: “Ewe Dhu l-Qarnayini! Mu vy’ukuri “Ya-juuja na Ma-juuja[11]”, ni abantu bagenzwa n’ubwononyi kw’isi, none tukugenere impembo uheze utugirire uruzitiro-ntamenwa rudukingira rukadutandukanya na bo?”.
[11] Ni amoko abiri y’abantu b’ibihangange muri Bene Adamu.
Ibisobanuro by'icyarabu:
قَالَ مَا مَكَّنِّي فِيهِ رَبِّي خَيۡرٞ فَأَعِينُونِي بِقُوَّةٍ أَجۡعَلۡ بَيۡنَكُمۡ وَبَيۡنَهُمۡ رَدۡمًا
Dhu l-Qarnayini yabishuye ati: “Ivyo Imana yanje Rurema Allah Yampaye mu bwami no gutsimbatazwa kw’isi, ni vyo vyiza gusumba impembo mwongenera, enda nyabuna rero, nimuntere inkunga, mumfashe n’inguvu zanyu zose, mpeze ndabagirire uruzitiro-ntamenwa rubakingira rukabatandukanya na bo;
Ibisobanuro by'icyarabu:
ءَاتُونِي زُبَرَ ٱلۡحَدِيدِۖ حَتَّىٰٓ إِذَا سَاوَىٰ بَيۡنَ ٱلصَّدَفَيۡنِ قَالَ ٱنفُخُواْۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَعَلَهُۥ نَارٗا قَالَ ءَاتُونِيٓ أُفۡرِغۡ عَلَيۡهِ قِطۡرٗا
Nimumpe ibigegene vy’ivyuma”. Ni uko rero ba bantu barazanye ibigegene vy’ivyuma gushika n’aho bigera ku burebure bwa ya misozi, Dhu l-Qarnayini aca ababwira ati: “Nimucane umucanwa maze muvube”. Vya bigegene vy’ivyuma bimaze gufata umucanwa bigatukura, Dhu l-Qarnayini yaciye ababwira ati: “Nimumpe rero ubutare bw’umujumpu, mpeze ndabuyagirize kuri ibi bigegene vy’ivyuma”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَمَا ٱسۡطَٰعُوٓاْ أَن يَظۡهَرُوهُ وَمَا ٱسۡتَطَٰعُواْ لَهُۥ نَقۡبٗا
Kuva ico gihe rero, Ya-juuja na Ma-juuja ntibashoboye kwurira ngo basimbe maze basohoke muri nya ruzitiro, eka ntibashoboye no kurutobora ngo barumene.
Ibisobanuro by'icyarabu:
 
Ibisobanuro by'amagambo Isura: Al Kah’fu
Urutonde rw'amasura numero y'urupapuro
 
Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti - Ishakiro ry'ibisobanuro

Yasobanuwe na Yusufu Ghayiti. Yashyizwe ahagaragara n'Umuryango Nyafurika ushinzwe iterambere.

Gufunga