Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية * - Ishakiro ry'ibisobanuro

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (16) Isura: Annisau (Abagore)
وَٱلَّذَانِ يَأۡتِيَٰنِهَا مِنكُمۡ فَـَٔاذُوهُمَاۖ فَإِن تَابَا وَأَصۡلَحَا فَأَعۡرِضُواْ عَنۡهُمَآۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ تَوَّابٗا رَّحِيمًا
Nayo abasambana muri mwebwe abagabo, murabahanisha ugukubitwa, kubomora no kubanebagura. Nibaramuka bihanye bagakora ivyiza bitegetswe, murashoka mwirengagiza ukubahana. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenukwumvirabigaya, Nyenimpuhwe ku batoni bayo[2].
[2] Iyi Aayah n’iyiri haruguru yayo, zirerekana ko abagabo basambanye babangamirwa gushika bigaye. Abagore na bo basambanye bakugaranirwa mu nzu, bagacibwa mu bandi mu gukumirwa gushika bapfe. Iyi ngingo yarubahirijwe mu ntango y’ubwislamu, hanyuma iza guhagarikwa n’ingingo iri mu gisomwa An-Nuuri, Aayah ya 2 ivuga ku gihano co gutera amabuye abasambanye bubatse izabo, mu gihe bigenga, bageze mu bigero, bakwije ubwenge, bakaba kandi barahuje koko ibitsina. Abatubatse bahanishwa ugukubitwa inkoni ijana n’ukwomorwa umwaka umwe.
Ibisobanuro by'icyarabu:
 
Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (16) Isura: Annisau (Abagore)
Urutonde rw'amasura numero y'urupapuro
 
Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية - Ishakiro ry'ibisobanuro

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Gufunga