Check out the new design

Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti * - Ishakiro ry'ibisobanuro

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ibisobanuro by'amagambo Isura: Al Jathiyat   Umurongo:

Al-Jaathiyah

حمٓ
Haa Miim[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara.
Ibisobanuro by'icyarabu:
تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ
Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ لَأٓيَٰتٖ لِّلۡمُؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri mu majuru indwi, no mw’isi izosokorokamwo ibiremwa, ari na yo irimwo ibiremwa bitandukanye mu bwoko no mu ndemo, ni ukuri muri ivyo vyose harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bavyemera;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَفِي خَلۡقِكُمۡ وَمَا يَبُثُّ مِن دَآبَّةٍ ءَايَٰتٞ لِّقَوۡمٖ يُوقِنُونَ
No mw’iremwa ryanyu mwebwe abantu, n’iremwa ry’ibindi biremwa bigendagenda bikwiragiye mw’isi, harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bantu bayemera bakemera n’amabwirizwa yayo ata gukekeranya;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱخۡتِلَٰفِ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ وَمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مِن رِّزۡقٖ فَأَحۡيَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَا وَتَصۡرِيفِ ٱلرِّيَٰحِ ءَايَٰتٞ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
No mw’ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango; mw’igwisha ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze Imana Allah Ikanagisha ibiterwa n’ivyimeza kw’isi hakoreshejwe amazi ya nya mvura, inyuma y’igaduka no gucika ubukumbagare kw’isi; mw’isunikwa ry’umuyaga uzanana impande zose z’isi ku neza yanyu, mw’iremwa ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa n'ivyemezo vy’Imana Allah, maze bakayigamburukira.
Ibisobanuro by'icyarabu:
تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱللَّهِ نَتۡلُوهَا عَلَيۡكَ بِٱلۡحَقِّۖ فَبِأَيِّ حَدِيثِۭ بَعۡدَ ٱللَّهِ وَءَايَٰتِهِۦ يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Izo rero, ni Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah Tugusomera vy’ukuri. Mbega none, inyuma ya Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah vyemeza ko ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri Itabangikanijwe, ni inkuru nyabaki bokwemera!
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيۡلٞ لِّكُلِّ أَفَّاكٍ أَثِيمٖ
Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’umubeshi ruhebwa wese, umunyavyaha;
Ibisobanuro by'icyarabu:
يَسۡمَعُ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ثُمَّ يُصِرُّ مُسۡتَكۡبِرٗا كَأَن لَّمۡ يَسۡمَعۡهَاۖ فَبَشِّرۡهُ بِعَذَابٍ أَلِيمٖ
Yumva Aayah z’Igitabu c’Imana Allah ca Qor’ani zisomwa, hanyuma akarendegera mu bugarariji, akagira n’amanyama n’akantu mu kutemera Imana Allah n’Intumwa yayo, nk’aho yoba atigeze yumva nya Aayah zisomwa. Ntumwa y’Imana! Mushikirize inkuru y’incamugongo yo guhabwa ibihano bibabaza ku musi w’izuka;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذَا عَلِمَ مِنۡ ءَايَٰتِنَا شَيۡـًٔا ٱتَّخَذَهَا هُزُوًاۚ أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ عَذَابٞ مُّهِينٞ
N’iyo hagize ico amenya muri Aayah zacu, agifata minenegwe atebura. Uyo rero, ari mu bagenewe ibihano bisuzuguza ku musi w’izuka;
Ibisobanuro by'icyarabu:
مِّن وَرَآئِهِمۡ جَهَنَّمُۖ وَلَا يُغۡنِي عَنۡهُم مَّا كَسَبُواْ شَيۡـٔٗا وَلَا مَا ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ أَوۡلِيَآءَۖ وَلَهُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٌ
Imbere yabo, hari umuriro wa Jahannamu ubarindiriye. Muri ico gihe rero, n’ivyo begeranije mu matungo n’abana nta na kimwe bizobamarira. Eka mbere n’ivyo bagize abahagarikizi bakabisenga mu gishingo c’Imana Allah, nta co bizobamarira. Bazoba bari no mu bihano bihambaye.
Ibisobanuro by'icyarabu:
هَٰذَا هُدٗىۖ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ لَهُمۡ عَذَابٞ مِّن رِّجۡزٍ أَلِيمٌ
Iyi Qor’ani Twamanuye, ni uburongozi bukura abantu mu muzimagiza, ikaba n’icemezo c’ukuri kibashikana mu nzira igororotse. Nayo abagararije bagahakana Aayah n’ivyemezo vy’Imana yabo Rurema Allah, ku musi w’izuka, barategekanirijwe ibihano bibi cane kandi bibabaza;
Ibisobanuro by'icyarabu:
۞ ٱللَّهُ ٱلَّذِي سَخَّرَ لَكُمُ ٱلۡبَحۡرَ لِتَجۡرِيَ ٱلۡفُلۡكُ فِيهِ بِأَمۡرِهِۦ وَلِتَبۡتَغُواْ مِن فَضۡلِهِۦ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Allah, ni Yo Mana Yabagiriye ibahari, kugira ricemwo ubwato bungana umusozi kw’itegeko ryayo; no kugira murondere mu mpano zayo mu ruja n’uruza mu rudandazwa; no kugira rero muyishimire, muheze muyiyegereze muri vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَسَخَّرَ لَكُم مَّا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا مِّنۡهُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Yaranaborohereje kwikora ku biri mu majuru; nk’izuba, ukwezi n’inyenyeri, n’ibindi, no ku biri kw’isi; nk’ibitungwa, ibiti, n’ubwato, n’ibindi; ivyo vyose bikaba ari impano mwahawe n’Imana Allah, kugira muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu biyumvira, bikebuka bakamenya ko hariho Imana Imwe Rudende.
Ibisobanuro by'icyarabu:
 
Ibisobanuro by'amagambo Isura: Al Jathiyat
Urutonde rw'amasura numero y'urupapuro
 
Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - Ibisobanuro bya Qur'an mu rurimi rw'ikinyarwanda - Yusuf Ghayiti - Ishakiro ry'ibisobanuro

Yasobanuwe na Yusufu Ghayiti. Yashyizwe ahagaragara n'Umuryango Nyafurika ushinzwe iterambere.

Gufunga