Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية * - Ishakiro ry'ibisobanuro

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (1) Isura: Al Maidat

SURATU L-MAA-IDA

يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَوۡفُواْ بِٱلۡعُقُودِۚ أُحِلَّتۡ لَكُم بَهِيمَةُ ٱلۡأَنۡعَٰمِ إِلَّا مَا يُتۡلَىٰ عَلَيۡكُمۡ غَيۡرَ مُحِلِّي ٱلصَّيۡدِ وَأَنتُمۡ حُرُمٌۗ إِنَّ ٱللَّهَ يَحۡكُمُ مَا يُرِيدُ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwubahirize amasezerano y’Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mu kubungabunga no gushikiriza imbitso bene zo; mwubahiriza n’amasezerano y’ubuguzi hagati yanyu, n’ay’ibindi bidaciye kubiri n’ingingo ziri mu Gitabu ca Qor’ani no mu nyigisho n’imigenzo vy’intumwa. Mwaraziruriwe gufungura inyama za bimwe mu bitungwa, na zo ni inyama y’ingamiya, iy’inka n’iy’intungwa, havuyemwo ivyo mwatomorewe n’Imana Allah ko bizira gufungurwa mu ntumvyi[1], ikiremve [2] n’ibindi, kugira uruhigi mu gihe mwamaze kuzirikana ishengerera canke igendera ry’ingoro ntagatifu mukambara n’urubega, canke muri mu karere gatagatifu ka Makka. Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibwiriza ivyo Ishaka mu ntumbero nziza kandi itunganye.
[1] Igitungwa capfuye kidakerewe mu buryo bwemewe mu bwislamu.
[2] Ikiremve, ni ubuseri, na bwo ni amaraso y’igitungwa atetswe, yaba ari ay’icakerewe canke icarashwe kikavomwa amaraso.
Ibisobanuro by'icyarabu:
 
Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (1) Isura: Al Maidat
Urutonde rw'amasura numero y'urupapuro
 
Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية - Ishakiro ry'ibisobanuro

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Gufunga