Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية * - Ishakiro ry'ibisobanuro

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (44) Isura: Al Maidat
إِنَّآ أَنزَلۡنَا ٱلتَّوۡرَىٰةَ فِيهَا هُدٗى وَنُورٞۚ يَحۡكُمُ بِهَا ٱلنَّبِيُّونَ ٱلَّذِينَ أَسۡلَمُواْ لِلَّذِينَ هَادُواْ وَٱلرَّبَّٰنِيُّونَ وَٱلۡأَحۡبَارُ بِمَا ٱسۡتُحۡفِظُواْ مِن كِتَٰبِ ٱللَّهِ وَكَانُواْ عَلَيۡهِ شُهَدَآءَۚ فَلَا تَخۡشَوُاْ ٱلنَّاسَ وَٱخۡشَوۡنِ وَلَا تَشۡتَرُواْ بِـَٔايَٰتِي ثَمَنٗا قَلِيلٗاۚ وَمَن لَّمۡ يَحۡكُم بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ
Mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twamanuye Tawurati irimwo uburongozi n’umuco werekana ingingo z’Imana Allah, zisungwa n’Abavugishwamana bicishije bugufi, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo mu gutunganiriza abayahudi. Izo ngingo rero kandi zikisungwa n’abasenzi hamwe n’abamenyi mu bayahudi, mu kwubahiriza ivyo baragijwe n’Abavugishwamana ko bigisha iyubahirizwa ry’ibiri mu Gitabu ca Tawurati, bakazoba ari n’ivyabona ko Abavugishwamana batunganirije abayahudi bisunze ingingo ziri muri Tawurati. Imana Allah Yabwiye abo basenzi n’abamenyi Iti: “Ntimugatinye rero abantu mu kwubahiriza ingingo zanje kuko ata co bazobungura, eka nta n’ico bazobicira, muraheza rero muntinye Jewe Allah, kandi ntimugafate Aayah zanje ngo muziguze ibintu vy’agaciro gato cane, canke ngo muzihindure mu kutubahiriza ingingo zanje”. Abatisunga rero ingingo zamanuwe n’Imana Allah mu gutunganiriza abantu, maze bakazihindagura canke bakazirenzako uruhu rw’amazi, bagaheza bakisunga izindi ngingo zitamanuwe na Yo, mu ntumbero yo guhakana ingingo zayo, abo rero ni bo bagarariji koko.
Ibisobanuro by'icyarabu:
 
Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (44) Isura: Al Maidat
Urutonde rw'amasura numero y'urupapuro
 
Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية - Ishakiro ry'ibisobanuro

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Gufunga