Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية * - Ishakiro ry'ibisobanuro

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (90) Isura: Al Maidat
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِنَّمَا ٱلۡخَمۡرُ وَٱلۡمَيۡسِرُ وَٱلۡأَنصَابُ وَٱلۡأَزۡلَٰمُ رِجۡسٞ مِّنۡ عَمَلِ ٱلشَّيۡطَٰنِ فَٱجۡتَنِبُوهُ لَعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni ukuri, inzoga [133], urusimbi [134], ibigirwamana [135] no gusokora imyampi mu ndaha[136] mu ntumbero yo kumenya ico mwokora canke ico mworeka muri kazoza, ivyo vyose ni ibicumuro bituruka ku nyoshambi za shetani, nimuvyirinde rero kugira muronke intsinzi ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.
[133] Inzoga, ni ikintu ico ari co cose kiboreza kigatuma umuntu adatandukanya icatsi n’ururo.
[134] Urusimbi canke “akamari”, ni urukino urwo ari rwo rwose rukoreshwamwo amahera canke ikindi kintu abarukina basheta, kigatwarwa n’uwutsinze muri bo.
[135] Ibigirwamana bivugwa ng’aha, ni ikintu ico ari co cose gishingwa ahantu kigakerererwa, canke kigaterekererwa, canke kigahabwa icubahiro co gutakambirwa mu gusengwa.
[136] Gusokora imyampi mu ndaha, ni uburyo bukoreshwa mu gushaka kumenya ico wokora canke ico woreka gukora muri kazoza. Ukwo babigenza rero, barafata imyampi yanditsweko “Ego” n’iyanditsweko “Oya”, bagaheza bakayishira mu ndaha bakayizungagiza, baheza bagasokora umwampi umwe, gutyo basokoye umwampi wanditseko “Ego” umuntu akabona kugira ico yipfuza, basokora uwanditseko “Oya”, umuntu agaca areka kugira ico yipfuza. Ubwo buryo rero, kirazira ku mwislamu kubukoresha mu ntumbero yo gushaka kumenya ibinyegejwe ibiremwa bizoba muri kazoza.
Ibisobanuro by'icyarabu:
 
Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (90) Isura: Al Maidat
Urutonde rw'amasura numero y'urupapuro
 
Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية - Ishakiro ry'ibisobanuro

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Gufunga