Mu vy’ukuri, Imana Allah Isatura urutete rukagondora rukavamwo igiterwa; Isatura n’urubuto rukagondora rukavamwo igiti; Irema kizima mu capfuye[13], Igakura icapfuye muri kizima[14]. Uwushoboye rero kurema ivyo vyose, ni Yo Mana Allah, Ikwiye gusengwa Itabangikanywa. None ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!
[13] Nko kurema umuntu canke igikoko mu ntanga. [14] Nko kurema intanga mu muntu canke mu gikoko.
Isokora umuco w’umurango mu mwijima w’ijoro iyo umutwenzi ukitse; Yagize n’ijoro akaryo ko guturura kw’ibiremwa no kuruhuka umuruho wo ku murango; Irema izuba n’ukwezi Ituma bica mu nzira-ntasobwa ku giharuro gitegekanijwe kitihenda na gato. Iyo rero, ni yo nteguro y’Imana Allah Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubumenyikurivyose.
Ni na Yo Yabaremeye inyenyeri, Izigira ibimenyetso mumenyerako inzira mu mwijima w’ijoro ry’imusozi n’iryo mw'ibahari. Ni ukuri, Twebwe Allah Twaramaze gutomorera abantu b’incabwenge ivyemezo vy’ubwoko bwose vyerekana ubushobozi n'ububasha bw’Imana Allah mu kurema.
Ni na Yo Yatanguye kubarema Ibakomoye kuri Adamu yaremwe mw’ivu, hanyuma muraheza murarondoka mu kuvyara, Ibagirira ubutururo mu bitereko vy’abagore n’ububiko bw’intanga mu ruti rw’umugongo w’abagabo. Ni ukuri, Twebwe Allah Twaramaze gutomorera abantu batahura ivyemezo vy’ubwoko bwose.
Ababangikanyamana bagize amajini abangikanywa n’Imana Allah bibaza ko hari ico yobungura canke ico yobatwara, kandi Imana Allah ari Yo Yabaremye hamwe n’ivyo bayibangikanya. Baranomekereye ku Mana Allah abana b’abahungu n’ab’abakobwa ku kutamenya ibiyiranga mu kuntu Iteye. Ukuninahazwa ni ukwayo, niyubahwe! Ntikitirirwe ivyo barementanya.
Ni Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo ata co Irinze gufatirako. Ni gute Yogira umwana kandi Itanagira umugore! Ni Yo Yanaremye ikintu cose kibaho, ni na Yo rero burya Izi ikintu cose gikozwe n'ibiremwa, ni Nyenubumenyikurivyose.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Igisubizo cy'ibyashatswe:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".