Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية * - Ishakiro ry'ibisobanuro

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (150) Isura: Al A’araf
وَلَمَّا رَجَعَ مُوسَىٰٓ إِلَىٰ قَوۡمِهِۦ غَضۡبَٰنَ أَسِفٗا قَالَ بِئۡسَمَا خَلَفۡتُمُونِي مِنۢ بَعۡدِيٓۖ أَعَجِلۡتُمۡ أَمۡرَ رَبِّكُمۡۖ وَأَلۡقَى ٱلۡأَلۡوَاحَ وَأَخَذَ بِرَأۡسِ أَخِيهِ يَجُرُّهُۥٓ إِلَيۡهِۚ قَالَ ٱبۡنَ أُمَّ إِنَّ ٱلۡقَوۡمَ ٱسۡتَضۡعَفُونِي وَكَادُواْ يَقۡتُلُونَنِي فَلَا تُشۡمِتۡ بِيَ ٱلۡأَعۡدَآءَ وَلَا تَجۡعَلۡنِي مَعَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Musa amaze kugaruka ku bantu biwe, yaje yishwe n’ishavu n’intuntu n’akantu, kuko Imana Allah Yari Yamubwiye ko Yagerageje abantu biwe, n’uko Al-Saamiriy yamaze kubahubisha. Musa yarahejeje avuga ati: “Ni agahebuza, ni bibi cane ivyo mwasigaye murankorera inyuma y’aho ngiriye! Mbega mwihutiye gushaka ko ngaruka gihutihuti, ntimwaheza ngo mundindire nk’uko mwasezeraniwe n’Imana yanyu Rurema Allah?”. Ni ho Musa yaterera hasi Imizingo ya Tawurati, aca afata n’ishavu n’akantu murumunawe Haruna mu kanigo aramujegeza. Haruna ni ho yamwinginga ati: “Mwana wa mama! Ni ukuri, abantu bari aho barampahaje bahakwa no kunyica, enda reka kunkekeza ntitwihe amenyo y’abatwenzi mu bansi bacu, kandi ntutwarwe n’agashavu ngo unshire mu bantu birenganije bagaca kubiri n’ibwirizwa ryawe, bagasenga igishusho c’ishashi y’inka”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
 
Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (150) Isura: Al A’araf
Urutonde rw'amasura numero y'urupapuro
 
Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية - Ishakiro ry'ibisobanuro

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Gufunga