Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية * - Ishakiro ry'ibisobanuro

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (46) Isura: Al A’araf
وَبَيۡنَهُمَا حِجَابٞۚ وَعَلَى ٱلۡأَعۡرَافِ رِجَالٞ يَعۡرِفُونَ كُلَّۢا بِسِيمَىٰهُمۡۚ وَنَادَوۡاْ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ أَن سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡۚ لَمۡ يَدۡخُلُوهَا وَهُمۡ يَطۡمَعُونَ
Hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro rero, hazoba hari uruzitiro amahanga rwitwa “A’raaf”. Kuri nya ruzitiro hazoba hari abantu bazitiriwe ng’aho, bazomenyera umwe wese mu bantu bo mu Bwami bw'ijuru canke bo mu muriro, ku bimenyetso bimuranga[12]. Abo bantu rero, ni barya ivyiza n’ibibi vyabo bizoba biri ku rugero rumwe, maze bazitirirwe ng’aho barindiriye impuhwe z’Imana Allah. Bazoheza rero basemerere bahamagara abantu bo mu Bwami bw’ijuru babakeza bati: “Nimugire amahoro”. Muri ico gihe, abari muri nya ruzitiro, ntibazoba barabwinjiramwo, n’aho bazoba bagifise umwizero wo kubwinjiramwo.
[12] Mu bimenyetso vy’abantu bo mu Bwami bw’ijuru, ni nko gusayangana mu maso. Nayo mu bimenyetso vy’abantu bo mu muriro, ni nko kwijirirwa no kwirabura mu maso.
Ibisobanuro by'icyarabu:
 
Ibisobanuro by'amagambo Umurongo: (46) Isura: Al A’araf
Urutonde rw'amasura numero y'urupapuro
 
Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية - Ishakiro ry'ibisobanuro

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Gufunga