Check out the new design

ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි * - පරිවර්තන පටුන

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: අල් ඉස්රා   වාක්‍යය:
مَّن كَانَ يُرِيدُ ٱلۡعَاجِلَةَ عَجَّلۡنَا لَهُۥ فِيهَا مَا نَشَآءُ لِمَن نُّرِيدُ ثُمَّ جَعَلۡنَا لَهُۥ جَهَنَّمَ يَصۡلَىٰهَا مَذۡمُومٗا مَّدۡحُورٗا
Uwo wese rero yipfuza kuronka ibihendamaso vy’isi akabihurumbira, ha guhurumbira ibizomufasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Tuzoheza Turonse Twebwe Allah uwo Dushatse mu biremwa akiri kw’isi, ivyo Dushaka mu vyo Twamugeneye mu vyagezwe, hanyuma Tumutegekanirize umuriro wa Jahannamu azokwinjiramwo afitiwe umwikomo, akwiye ivumwe ry’Imana Allah.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَنۡ أَرَادَ ٱلۡأٓخِرَةَ وَسَعَىٰ لَهَا سَعۡيَهَا وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَأُوْلَٰٓئِكَ كَانَ سَعۡيُهُم مَّشۡكُورٗا
Nayo uwushaka guhemberwa ivyo yakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, maze agahurumbira igamburukiramana, yemera Imana Allah, yizeye n’indishi kuri Yo, uyo ari mu bakirirwa ibikorwa vyabo, bakazonashimirwa n’Imana Allah.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
كُلّٗا نُّمِدُّ هَٰٓؤُلَآءِ وَهَٰٓؤُلَآءِ مِنۡ عَطَآءِ رَبِّكَۚ وَمَا كَانَ عَطَآءُ رَبِّكَ مَحۡظُورًا
Umugwi umwe wose rero muri iyo migwi ibiri; waba uw’abipfuza bagahurumbira ibihendamaso vy’isi, canke uw’abahurumbira indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Twebwe Allah Tuwuronsa ibiwubeshaho kw’isi mu mpano zacu, burya impano z’Imana yawe Rurema Allah, kw’isi nta n’umwe yimiriwe kuzironkako.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ٱنظُرۡ كَيۡفَ فَضَّلۡنَا بَعۡضَهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖۚ وَلَلۡأٓخِرَةُ أَكۡبَرُ دَرَجَٰتٖ وَأَكۡبَرُ تَفۡضِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu Twebwe Allah, Twahaye bamwe mu bantu Tubasumbanisha mu bibabeshaho hamwe no mu bikorwa bashoboye. Ni ukuri, ubuzima bw’inyuma yo gupfa ku bemeramana, ni bwo bw’icubahiro muri vyose gusumba ubwo kw’isi.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
لَّا تَجۡعَلۡ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتَقۡعُدَ مَذۡمُومٗا مَّخۡذُولٗا
Muntu! Ntukabangikanye Imana Allah n’iyindi mana, ngo wisange utewe ivyatsi n’Imana Allah, wongere unagirirwe n’umwikomo na Yo maze uteterwe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
۞ وَقَضَىٰ رَبُّكَ أَلَّا تَعۡبُدُوٓاْ إِلَّآ إِيَّاهُ وَبِٱلۡوَٰلِدَيۡنِ إِحۡسَٰنًاۚ إِمَّا يَبۡلُغَنَّ عِندَكَ ٱلۡكِبَرَ أَحَدُهُمَآ أَوۡ كِلَاهُمَا فَلَا تَقُل لَّهُمَآ أُفّٖ وَلَا تَنۡهَرۡهُمَا وَقُل لَّهُمَا قَوۡلٗا كَرِيمٗا
Muntu! Imana yawe Rurema Allah, Yabwirije ko hatokwiyegerezwa mu bikorwa no mu gusenga ikintu na kimwe kiretse Yo gusa, n'uko hubahwa hakubahirizwa n’abavyeyi mu bugwaneza, na canecane bageze mu za bukuru. Nihagira rero umwe muri bo ashika mu za bukuru canke bompi, ntukabashireko isoni mu ngiro canke mu mvugo, n’aho kwoba ari ukubimyoza gusa; ntukanabakankamire na rimwe, ahubwo uraheza ubabwire amajambo meza mu rupfasoni;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱخۡفِضۡ لَهُمَا جَنَاحَ ٱلذُّلِّ مِنَ ٱلرَّحۡمَةِ وَقُل رَّبِّ ٱرۡحَمۡهُمَا كَمَا رَبَّيَانِي صَغِيرٗا
Uheze wicishe bugufi kuri bo mu kubumvira impuhwe, wongere ubasabire uvuga uti: “Mana yanje Rurema Allah! Girira impuhwe nta ngere abavyeyi banje, nk’uko banyihanganiye bakandera nkiri muto”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
رَّبُّكُمۡ أَعۡلَمُ بِمَا فِي نُفُوسِكُمۡۚ إِن تَكُونُواْ صَٰلِحِينَ فَإِنَّهُۥ كَانَ لِلۡأَوَّٰبِينَ غَفُورٗا
Bantu! Burya Imana yanyu Rurema Allah, Irazi neza ivyo muhishije mu mishaha yanyu; vyaba ivyiza canke ibibi. Nimwaba aberanda rero mu vyo mukora mushaka gushimisha Imana Allah, mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya[353], Izobagirira ikigongwe.
[353] Iyo Imana Allah Iravye mu mushaha w’umuntu Ikabona ukwigaya vy’ukuri, Iraheza Ikamubabarira ibicumuro n'ivyaha vyiwe yakoze ku bubegito ndemanwa bwiwe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَءَاتِ ذَا ٱلۡقُرۡبَىٰ حَقَّهُۥ وَٱلۡمِسۡكِينَ وَٱبۡنَ ٱلسَّبِيلِ وَلَا تُبَذِّرۡ تَبۡذِيرًا
Muntu! Urubaha wubahirize agateka k’umuvandimwe wawe mu kumuhereza imperezwa ku bugwaneza, wongere uhe n’umukene atagira shinge na rugero, n’uwuri ku rugendo yakehaniwe n’ikimushikana iyo aroye, kandi ntugatange mu bitarekuwe canke mu buryo bw’isesagura ry’ubutunzi;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّ ٱلۡمُبَذِّرِينَ كَانُوٓاْ إِخۡوَٰنَ ٱلشَّيَٰطِينِۖ وَكَانَ ٱلشَّيۡطَٰنُ لِرَبِّهِۦ كَفُورٗا
Mu vy’ukuri, abatanga mu bitarekuwe canke mu buryo bw’isesagura ry’ubutunzi, ni incuti za shetani mu gukwiragiza ubwononyi n’ivyaha; burya shetani yamye ari umugarariji karuhariwe w’inema z’Imana yayo Rurema Allah;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
 
අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: අල් ඉස්රා
සූරා පටුන පිටු අංක
 
ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි - පරිවර්තන පටුන

යූසුෆ් ගහීති විසින් පරිවර්තනය කරන ලදී. අප්‍රිකානු සංවර්ධන පදනම විසින් නිකුත් කරන ලදී.

වසන්න