ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - الترجمة الكيروندية * - පරිවර්තන පටුන

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: සූරා අෂ් ෂුඅරාඋ   වාක්‍යය:

SURATU SSHU’ARAA-I

طسٓمٓ
Twaa Siin Miim[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
تِلۡكَ ءَايَٰتُ ٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ
Izi, ni Aayah z’Igitabu Qor’ani gitomoye neza; mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, no mu burongozi bwaco.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
لَعَلَّكَ بَٰخِعٞ نَّفۡسَكَ أَلَّا يَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Biragaragara ko utuntuzwa umutima n’uko abantu bataraba abemeramana ngo bagukurikire, mpore ntugatunture ku mutima!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِن نَّشَأۡ نُنَزِّلۡ عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ ءَايَةٗ فَظَلَّتۡ أَعۡنَٰقُهُمۡ لَهَا خَٰضِعِينَ
Twebwe Allah, Dushatse Twomanurira abaguhakana bivuye inyuma mu bantu warungitsweko, igitangaro kivuye mw’ijuru cotuma bemera ku nabi ku neza, maze bakama bicishije bugufi, ariko rero ntitwashatse ko biba ukwo, kuko ukwemera Imana Allah nya kwemera kuba ku bushake ata gahato kagiyemwo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن ذِكۡرٖ مِّنَ ٱلرَّحۡمَٰنِ مُحۡدَثٍ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهُ مُعۡرِضِينَ
Ababangikanyamana, ntibigera bashikirwa n’inkebuzo nshasha ivuye kwa Nyenimpuhwe Allah, ibabwiriza ivyo bakora n’ivyo bareka mu kwubahiriza idini ry’ukuri, kiretse ko birengagiza nya nkebuzo, bakayihakana bivuye inyuma, bakanayamirira kure.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَقَدۡ كَذَّبُواْ فَسَيَأۡتِيهِمۡ أَنۢبَٰٓؤُاْ مَا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Ni ukuri, ababangikanyamana barahakanye Qor’ani baranayiteburako. Kubera ivyo rero, bitebe bitebuke, bazoshikirwa n’ukuri kw’inkuru z’ivyo bateburako, maze bahanwe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ كَمۡ أَنۢبَتۡنَا فِيهَا مِن كُلِّ زَوۡجٖ كَرِيمٍ
Mbega ntibaraba isi ngo babone ukuntu Twayinagishijeko ibimera vyinshi ngirakamaro, biri mu bwoko bwose bw’ibiterwa n'ivyimeza, ata wushoboye kubinagisha atari Imana Allah!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri mw’inagishwa ry’ivyo vyose, ni ukuri harimwo icemezo cerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, burya abenshi mu bantu, si abemeramana namba;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Kandi mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِذۡ نَادَىٰ رَبُّكَ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱئۡتِ ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Cira agace abo warungitsweko ku nkuru ya Musa, igihe Imana yawe Rurema Allah Yahamagara Musa Iti: “Genda ku bantu birenganije;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَوۡمَ فِرۡعَوۡنَۚ أَلَا يَتَّقُونَ
Abantu ba Firawuni, maze ubararikire kugamburukira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ رَبِّ إِنِّيٓ أَخَافُ أَن يُكَذِّبُونِ
Musa yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe ndafise impungenge ko bohakana bivuye inyuma ubutumwa ndabazaniye;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَيَضِيقُ صَدۡرِي وَلَا يَنطَلِقُ لِسَانِي فَأَرۡسِلۡ إِلَىٰ هَٰرُونَ
Ngatuntuzwa n’uko bangararije, kandi n’ururimi rwanje ntirutomora bikwiye, ndagusavye rero Uhe ubutumwa murumunanje Haruna kugira anshigikire, yongere anyunganire mu kubumvisha ubutumwa nzoba ndabashikirije;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَهُمۡ عَلَيَّ ذَنۢبٞ فَأَخَافُ أَن يَقۡتُلُونِ
Hari n’igicumuro nabakoreye co kwica umuntu mu Banyagiputa, ndatinya rero ko boca bamwihorera, bakanyica”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ كَلَّاۖ فَٱذۡهَبَا بِـَٔايَٰتِنَآۖ إِنَّا مَعَكُم مُّسۡتَمِعُونَ
Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Ihibambewe! Tekana nta co bazokugira. Na murumunawe Haruna Tumugize Intumwa, nimugende rero uko muri babiri mwitwaje ibitangaro vyacu Twebwe Allah, vyerekana ukuri kwanyu; mu vy’ukuri, Turi kumwe na mwe ku bumenyi bwacu no mu kubabungabunga, Turumviriza n’ivyo mushikiriza;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأۡتِيَا فِرۡعَوۡنَ فَقُولَآ إِنَّا رَسُولُ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Enda nyabuna rero, nimugende kwa Firawuni, maze mumubwire muti: “Twebwe mu vy’ukuri, turi Intumwa zirungitswe n’Imana yawe Rurema Allah kuri wewe no ku bantu bawe;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَنۡ أَرۡسِلۡ مَعَنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ
Ko wobohora Bene Israyeli ukareka kubacinyiza, tugaheza rero tukabarongora mu nzira y’Imana Allah, bakadukurikira””.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ أَلَمۡ نُرَبِّكَ فِينَا وَلِيدٗا وَلَبِثۡتَ فِينَا مِنۡ عُمُرِكَ سِنِينَ
Firawuni yishuye Musa n’agashinyaguro n'akantu ati: “Mbega uribagiye ko twakurereye ng’aha kuva ukiri uruyoya, uraheza ubana na twe imyaka n’iyindi!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَفَعَلۡتَ فَعۡلَتَكَ ٱلَّتِي فَعَلۡتَ وَأَنتَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Uraheza ukora igicumuro co kwica Umunyagiputa igihe winamura umukubita igipfunsi, aca ararambarara! Ako, ni ko gashimwe wampaye ku ciza nagukoreye co kukurera!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ فَعَلۡتُهَآ إِذٗا وَأَنَا۠ مِنَ ٱلضَّآلِّينَ
Musa araheza yishura Firawuni ati: “Nimba ico gicumuro naragikoze, sinari bwahishurirwe kuba Intumwa!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَفَرَرۡتُ مِنكُمۡ لَمَّا خِفۡتُكُمۡ فَوَهَبَ لِي رَبِّي حُكۡمٗا وَجَعَلَنِي مِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Ni naho nata nkomoka mpungira i Madiyana, ku gutinya ko mwonyica mwihorera Umunyagiputa wanyu nishe kw’isanganya; mu nyuma, Imana yanje Rurema Allah Yahavuye Impa ubutumwa n’ubumenyi, maze Ingira Intumwa mu zindi;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَتِلۡكَ نِعۡمَةٞ تَمُنُّهَا عَلَيَّ أَنۡ عَبَّدتَّ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ
Iryo rererwa ryanje iwawe na ryo unshinyagurizako, ryabaye kugira ngo ubandanye ucura bufuni na buhoro Bene Israyeli!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ فِرۡعَوۡنُ وَمَا رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Firawuni yahavuye abaza Musa ati: “Imana Rurema w’ibiremwa vyose Yakurungitse, ni igiki?”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَآۖ إِن كُنتُم مُّوقِنِينَ
Musa yavuze yishura Firawuni ati: “Ni Imana Rurema, Umubungabunzi w’amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo; nimwaba rero muzi neza ivyo, nimuyemere”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ لِمَنۡ حَوۡلَهُۥٓ أَلَا تَسۡتَمِعُونَ
Firawuni arinamura abwira abubahwa bari ng’aho bamukikije ati: “Muranyumvira ako kamaramaza ka Musa, aho yubahuka akavuga ko hari iyindi mana atari jewe!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ رَبُّكُمۡ وَرَبُّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Musa yarongeye avuga kandi ati: “Imana ndabararikira kwemera, ni Imana yanyu Rurema Allah Yabaremye, Ikanarema ba so mukomokako”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ إِنَّ رَسُولَكُمُ ٱلَّذِيٓ أُرۡسِلَ إِلَيۡكُمۡ لَمَجۡنُونٞ
Firawuni n’ishavu n’akantu asubizayo anebagura Musa ati: “Mu vy’ukuri Intumwa yanyu mwarungikiwe, ni ukuri, ni umusazi, ivuga ibitaroranye namba”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ رَبُّ ٱلۡمَشۡرِقِ وَٱلۡمَغۡرِبِ وَمَا بَيۡنَهُمَآۖ إِن كُنتُمۡ تَعۡقِلُونَ
Musa arongera ati: “Imana ndabararikira kwemera, ni Imana Rurema Yaremye ubuseruko n’uburengero hamwe n’ibiri hagati yavyo; Irema n’umuco n’umuzimagiza. Ivyo rero, bikaba ari ivyemezo vy’uko ari Yo Ikwiye kwemerwa no gusengwa ari Imwe Rudende nimwaba mutegera neza ububasha bwayo”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ لَئِنِ ٱتَّخَذۡتَ إِلَٰهًا غَيۡرِي لَأَجۡعَلَنَّكَ مِنَ ٱلۡمَسۡجُونِينَ
Firawuni aca avuga n’iterabwoba n’akantu yihaniza Musa ati: “Niwigenera Iyindi Mana atari jewe, ni ukuri ntegerezwa kuguta mw’ibohero hamwe n’abandi”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ أَوَلَوۡ جِئۡتُكَ بِشَيۡءٖ مُّبِينٖ
Musa asubizayo ati: “Mbega uraheza unte mw’ibohero hamwe n’abandi, n’aho nokuzanira icemezo gitomoye ko ndi mu kuri!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ فَأۡتِ بِهِۦٓ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ
Firawuni aca asaba Musa ko yozana icemezo ati: “Enda nyabuna rero, zana ico cemezo ku vyo uvuga niwaba uri mu mvugakuri ko uri Intumwa vy’ukuri”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأَلۡقَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِيَ ثُعۡبَانٞ مُّبِينٞ
Ni ho rero Musa yaterera inkoni yiwe hasi, ica ihinduka inzoka amahanga yigendera, abantu birabira;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَنَزَعَ يَدَهُۥ فَإِذَا هِيَ بَيۡضَآءُ لِلنَّٰظِرِينَ
Araheza kandi ashira ikiganza ciwe mu kwaha, agize ngo aragikuyeyo, caje cererana gisayangana cane abari ng’aho birabira, barumirwa.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ لِلۡمَلَإِ حَوۡلَهُۥٓ إِنَّ هَٰذَا لَسَٰحِرٌ عَلِيمٞ
Firawuni aca agira impungenge z’uko abunganizi bari ng’aho bamukikije, bohava banyurwa bakemera, araheza ababwira ati: “Mu vy’ukuri, Musa nta nkeka ko ari umukonikoni karuhariwe;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
يُرِيدُ أَن يُخۡرِجَكُم مِّنۡ أَرۡضِكُم بِسِحۡرِهِۦ فَمَاذَا تَأۡمُرُونَ
Ashaka kubomora mwese abakure mu gihugu canyu akoresheje ubukonikoni bwiwe, none rero mumpanuye ko nokora iki?”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالُوٓاْ أَرۡجِهۡ وَأَخَاهُ وَٱبۡعَثۡ فِي ٱلۡمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ
Abunganizi bari hambavu ya Firawuni bavuze bamuhanura bati: “Musa na murumunawe Haruna, bahe irindi sango ryo guhurirako, maze utume abararika abantu mu bisagara vyose vyo muri Misiri;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
يَأۡتُوكَ بِكُلِّ سَحَّارٍ عَلِيمٖ
Baheze begeranye zina mukonikoni wese karuhariwe, bamukuzanire”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَجُمِعَ ٱلسَّحَرَةُ لِمِيقَٰتِ يَوۡمٖ مَّعۡلُومٖ
Ni ho rero abakonikoni bose bakoranirizwa hamwe ku musi w’isango nyezina[2];
[2] Hari ku musi w’ihimbazwa ry’ibirori, igihe abantu bambaye bakaberwa, bakaba bakoranye mu gitondo bavuye mu mihingo yose y’igihugu ca Misiri.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَقِيلَ لِلنَّاسِ هَلۡ أَنتُم مُّجۡتَمِعُونَ
Abararitsi baraheza bararika abantu bati: “Nyabuna nyabuna nimwitabire ikoraniro ku bwinshi kugira mushigikire abakonikoni!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
لَعَلَّنَا نَتَّبِعُ ٱلسَّحَرَةَ إِن كَانُواْ هُمُ ٱلۡغَٰلِبِينَ
Hari n’aho twotsimbatara kw’idini rya Firawuni, tugakurikira abakonikoni mu gihe boramuka batsinze”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَلَمَّا جَآءَ ٱلسَّحَرَةُ قَالُواْ لِفِرۡعَوۡنَ أَئِنَّ لَنَا لَأَجۡرًا إِن كُنَّا نَحۡنُ ٱلۡغَٰلِبِينَ
Umusi w’isango ugeze, nya bakonikoni karuhariwe bariyegeranije bashika kwa Firawuni, bamubaza bati: “Mbega none, ubwo duhava turonka agashimwe gashimishije, nitwaramuka dutsinze Musa?”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ نَعَمۡ وَإِنَّكُمۡ إِذٗا لَّمِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ
Firawuni na we abishura ati: “Ego cane! Kandi muri ico gihe muzoba muri no mu batoni b’abishikira bari hambavu yanje”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ لَهُم مُّوسَىٰٓ أَلۡقُواْ مَآ أَنتُم مُّلۡقُونَ
Musa yabariye nya bakonikoni ashaka ko ikinyoma gikubitirwa ahashashe ati: “Nimuterere hasi ivyo mushaka mu bukonikoni bwanyu”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأَلۡقَوۡاْ حِبَالَهُمۡ وَعِصِيَّهُمۡ وَقَالُواْ بِعِزَّةِ فِرۡعَوۡنَ إِنَّا لَنَحۡنُ ٱلۡغَٰلِبُونَ
Ni ho rero nya bakonikoni baterera imizana n’inkoni vyabo hasi, barahunika abantu bose bari ng’aho, ntibaba bakibona nya mizana na nya nkoni nk’uko bisanzwe, ahubwo babona inzoka, baraheza barahira kw’izina rya Firawuni bavuga bati: “Mu cubahiro ca Firawuni, ni ukuri dutegerezwa gutsinda Musa”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأَلۡقَىٰ مُوسَىٰ عَصَاهُ فَإِذَا هِيَ تَلۡقَفُ مَا يَأۡفِكُونَ
Ni ho Musa rero yaterera inkoni yiwe hasi, nya nkoni ica ihinduka inzoka amahanga yigendera, ya nzoka ica imiragura ivyo batereye hasi vyose, ivyari vyakanze abantu babona ko ari inzoka vy’ukuri kandi ari ikinyoma ceruye.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأُلۡقِيَ ٱلسَّحَرَةُ سَٰجِدِينَ
Ba bakonikoni bamaze kubona ico gitangaro c’inkoni, baciye bubamira Imana Allah;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Bavuga bati: “Twemeye Imana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
رَبِّ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ
Imana Rurema ya Musa na murumunawe Haruna”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ ءَامَنتُمۡ لَهُۥ قَبۡلَ أَنۡ ءَاذَنَ لَكُمۡۖ إِنَّهُۥ لَكَبِيرُكُمُ ٱلَّذِي عَلَّمَكُمُ ٱلسِّحۡرَ فَلَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَۚ لَأُقَطِّعَنَّ أَيۡدِيَكُمۡ وَأَرۡجُلَكُم مِّنۡ خِلَٰفٖ وَلَأُصَلِّبَنَّكُمۡ أَجۡمَعِينَ
Firawuni n’ishavu n’akantu yaciye avuga abiyamiriza ati: “Mbega karashize ingani mwemere Iyo Mana ya Musa, imbere yuko ndabibarekurira! Mu vy’ukuri biragaragaye ko Musa, ari we mukuru wanyu yabigishije ubukonikoni. Kubera ivyo rero, mugiye kwibonerako ayo imbwa yaboneye ku mugezi; ntegerezwa kubaca amaboko n’amaguru binyuranije; ndabace ukuboko kw’ukuryo hamwe n’ukuguru kw’ukubamfu, ukuboko kw’ukubamfu hamwe n’ukuguru kw’ukuryo, hanyuma mpeze ndababambe mwese ku bishitsi vy’igiti”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالُواْ لَا ضَيۡرَۖ إِنَّآ إِلَىٰ رَبِّنَا مُنقَلِبُونَ
Ba bakonikoni, baraheza bishura Firawuni bati: “Nta co bidutwaye namba, twebwe mu vy’ukuri, uramutse utwishe dusubira ku Mana yacu Rurema Allah;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّا نَطۡمَعُ أَن يَغۡفِرَ لَنَا رَبُّنَا خَطَٰيَٰنَآ أَن كُنَّآ أَوَّلَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri, twebwe turizeye ko Imana yacu Rurema Allah, Itugumiriza akabanga, Ikatubabarira ivyaha vyacu, kuko tubaye aba mbere bayemeye mu bantu bawe”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
۞ وَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنۡ أَسۡرِ بِعِبَادِيٓ إِنَّكُم مُّتَّبَعُونَ
Ni ho rero Twebwe Allah Twahishurira Musa Tumubwira Duti: “Genda muri iri joro ujanye abaja banje bemeye muri Bene Israyeli, kuko mu vy’ukuri Firawuni n’ingabo ziwe, bahava babakurikira ngo babafate imbere yuko mujabuka ibahari”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأَرۡسَلَ فِرۡعَوۡنُ فِي ٱلۡمَدَآئِنِ حَٰشِرِينَ
Firawuni yaciye arungika abararitsi mu bisagara vyose kwegeranya ingabo ziwe;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَشِرۡذِمَةٞ قَلِيلُونَ
Araheza avuga ati: “Bene Israyeli bahunganye na Musa, ni akagwi k’abantu bari ku rushi, bagayitse;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّهُمۡ لَنَا لَغَآئِظُونَ
Kandi mu vy’ukuri, baraduteye ishavu ryinshi ku guca kubiri n’idini ryacu;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّا لَجَمِيعٌ حَٰذِرُونَ
Na twe rero turarikanuye ntibaducarukana”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأَخۡرَجۡنَٰهُم مِّن جَنَّٰتٖ وَعُيُونٖ
Ni ho rero Twebwe Allah, Twakura Firawuni hamwe n’abantu biwe mu gihugu ca Misiri kirangwa n’imirima itotahaye n’amazi y’amariba atemba;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَكُنُوزٖ وَمَقَامٖ كَرِيمٖ
Hari n’ibigega vy’ubutunzi n’inyubakwa ziteye igomwe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
كَذَٰلِكَۖ وَأَوۡرَثۡنَٰهَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabakuye muri ico gihugu ca Misiri - Twahavuye Tukiraga mu nyuma Bene Israyeli.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأَتۡبَعُوهُم مُّشۡرِقِينَ
Firawuni rero hamwe n’ingabo ziwe, bahavuye bakurikira Musa n’abo bari kumwe mu mutwenzi.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَلَمَّا تَرَٰٓءَا ٱلۡجَمۡعَانِ قَالَ أَصۡحَٰبُ مُوسَىٰٓ إِنَّا لَمُدۡرَكُونَ
Bamaze guhura na bo amaso mu yandi, abantu ba Musa n’ubwoba n’akantu bavuze bati: “Musa, ni ukuri abantu ba Firawuni nta kibuza baradufashe, turahonye!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ كَلَّآۖ إِنَّ مَعِيَ رَبِّي سَيَهۡدِينِ
Musa yabishuye ati: “Kizire, ntibagenda babafashe namba kuko ndi kumwe n’Imana yanje Rurema Allah mu kuntabara, Irandongora inzira idukura muri aka kaga”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأَوۡحَيۡنَآ إِلَىٰ مُوسَىٰٓ أَنِ ٱضۡرِب بِّعَصَاكَ ٱلۡبَحۡرَۖ فَٱنفَلَقَ فَكَانَ كُلُّ فِرۡقٖ كَٱلطَّوۡدِ ٱلۡعَظِيمِ
Ni ho rero Twebwe Allah Twahishurira Musa Tumubwira Duti: “Kubita iyo nkoni yawe kw’ibahari”. Ubwo nyene ya bahari yicamwo inzira cumi na zibiri; zihuriranye n’igitigiri kingana n’amoko ya Bene Israyeli, maze igice cose c’ibahari kigabura inzira n’iyindi kiba nk’umusozi amahanga.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَأَزۡلَفۡنَا ثَمَّ ٱلۡأٓخَرِينَ
Aho rero, ni ho Twashorera Firawuni n’ingabo ziwe gushika n’aho binjira mw’ibahari bibwira ngo bakurikiye Musa n’abo bari kumwe;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَأَنجَيۡنَا مُوسَىٰ وَمَن مَّعَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ
Turaheza Turokora Musa n’abo bari kumwe bose, barajabuka amahoro gushika ku rundi ruhande rw’ibahari.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ
Mu nyuma, ni ho nya bahari yasubira guterana, maze Twebwe Allah Duca Dusomesha nturi Firawuni n’ingabo ziwe, bahonera rimwe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri, muri ivyo vyashikiye Firawuni n’ingabo ziwe, ni ukuri harimwo inkebuzo yerekena koko ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bakurikira Firawuni ntibahavuye bemera.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Ntumwa y'Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱتۡلُ عَلَيۡهِمۡ نَبَأَ إِبۡرَٰهِيمَ
Ntumwa y’Imana! Cira ku mayange abagarariji, inkuru ya Ibrahimu;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَا تَعۡبُدُونَ
Igihe yabwira se hamwe n’abantu biwe ati: “Ni igiki musenga?”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالُواْ نَعۡبُدُ أَصۡنَامٗا فَنَظَلُّ لَهَا عَٰكِفِينَ
Bavuze bamwishura bati: “Dusenga ibigirwamana, tugaheza tukavyiyegurira”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ هَلۡ يَسۡمَعُونَكُمۡ إِذۡ تَدۡعُونَ
Ibrahimu yababwiye abanebagura ati: “None burya, ivyo bigirwamana biraheza bikabumvira igisabisho iyo mubisavye?
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَوۡ يَنفَعُونَكُمۡ أَوۡ يَضُرُّونَ
Canke bikagira ico bibamariye iyo mubisenze? Canke bikagira ico bibiciye iyo mutabisenze?”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالُواْ بَلۡ وَجَدۡنَآ ءَابَآءَنَا كَذَٰلِكَ يَفۡعَلُونَ
Bavuze bamwishura bati: “Eka nta na kimwe tuziga kuri ivyo bigirwamana! Ahubwo twasanze abavyeyi bacu babisenga, na twe tubisenga ukwo”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ أَفَرَءَيۡتُم مَّا كُنتُمۡ تَعۡبُدُونَ
Ibrahimu yavuze ati: “Mbe burya muraraba mukazirikana ivyo musenga;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُمُ ٱلۡأَقۡدَمُونَ
Mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu b’abakurambere!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَإِنَّهُمۡ عَدُوّٞ لِّيٓ إِلَّا رَبَّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Mu vy’ukuri ivyo musenga mu gishingo c'Imana Allah, vyose ni abansi kuri jewe, ariko Imana Rurema w’ibiremwa vyose, ni Yo gusa nsenga;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ٱلَّذِي خَلَقَنِي فَهُوَ يَهۡدِينِ
Ni Yo Yandemye mw’ishusho ryiza, Iraheza Irandongora mu gukora ibimfitiye akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱلَّذِي هُوَ يُطۡعِمُنِي وَيَسۡقِينِ
Ni na Yo Indonsa imfugurwa Ikandonsa n’ico nywa;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِذَا مَرِضۡتُ فَهُوَ يَشۡفِينِ
N’iyo ndwaye, ni Yo Inkiza nkaroranirwa mu magara;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱلَّذِي يُمِيتُنِي ثُمَّ يُحۡيِينِ
Ni na Yo Inyaka ubuzima kw’isi ngapfa, hanyuma Ikazonsubiza kandi ubuzima ku musi w’izuka, nkazuka;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱلَّذِيٓ أَطۡمَعُ أَن يَغۡفِرَ لِي خَطِيٓـَٔتِي يَوۡمَ ٱلدِّينِ
Ni na Yo nizeye ko Ingumiriza akabanga Ikazombabarira ivyaha vyanje ku musi w’impera”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
رَبِّ هَبۡ لِي حُكۡمٗا وَأَلۡحِقۡنِي بِٱلصَّٰلِحِينَ
Ibrahimu yavuze asaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa ubumenyi no gutahura bikwiye, Wongere Unkurikize aberanda tuzohurira mu Bwami bw’ijuru;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱجۡعَل لِّي لِسَانَ صِدۡقٖ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Umpe no kuyagwa neza n’abantu mu bazokurikira gushika ku musi w’iherezo;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱجۡعَلۡنِي مِن وَرَثَةِ جَنَّةِ ٱلنَّعِيمِ
Unshire no mu baja bawe Wageneye Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱغۡفِرۡ لِأَبِيٓ إِنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلضَّآلِّينَ
Urongore n’umuvyeyi wanje mu nzira yawe, maze Umugumirize akabanga, Umubabarire ivyaha vyiwe; mu vy’ukuri, yari mu bantu bahuvye[3];
[3] Iki gisabisho, Ibrahimu yagisabiye se kuko yari yamusezeraniye ko amusabira ku Mana Allah, hari imbere yuko se agaragariza Ibrahimu ko atarota avavanura n’igarariza hamwe n’ibangikanyamana gushika gupfa; ico gihe rero, Ibrahimu yaciye avavanura na se.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَا تُخۡزِنِي يَوۡمَ يُبۡعَثُونَ
Kandi ntuzontetereze umusi ibiremwa vyazutse kugira biharurirwe, maze bigahemberwa ivyo vyakoze;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
يَوۡمَ لَا يَنفَعُ مَالٞ وَلَا بَنُونَ
Umusi amatungo n’ibibondo ata na kimwe bizomarira umuntu;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِلَّا مَنۡ أَتَى ٱللَّهَ بِقَلۡبٖ سَلِيمٖ
Kiretse umuntu azoza ku Mana Allah arangwa n’umutima wejejwe ubugarariji n’uburyarya”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَأُزۡلِفَتِ ٱلۡجَنَّةُ لِلۡمُتَّقِينَ
Kuri nya musi rero, Ubwami bw’ijuru buzokwegerezwa abagamburukiramana;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَبُرِّزَتِ ٱلۡجَحِيمُ لِلۡغَاوِينَ
Umuriro ururumba na wo, ushirirwe ahabona abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah, bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zayo;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَقِيلَ لَهُمۡ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡبُدُونَ
Maze babwirwe n’agashinyaguro n'akantu bati: “Mbega ibigirwamana mwahora musenga mu gishingo c’Imana Allah, biri hehe ngo bibavugire kuri uno musi!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
مِن دُونِ ٱللَّهِ هَلۡ يَنصُرُونَكُمۡ أَوۡ يَنتَصِرُونَ
Mbega burya nya bigirwamana birashoboye kubatabara ngo bibakureko ibihano! Mbe hoho nya bigirwamana nyene biranashoboye kwikura mu bihano!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَكُبۡكِبُواْ فِيهَا هُمۡ وَٱلۡغَاوُۥنَ
Bazoheza rero begeranirizwe hamwe, maze batabwe mu muriro batanguje umutwe, bari mu migwimigwi. Nya bigirwamana hamwe n’abarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah bakanahakana n’Intumwa zayo, bazotabwa muri nya muriro;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَجُنُودُ إِبۡلِيسَ أَجۡمَعُونَ
Bari kumwe n’ababahubishije mu ngabo za shetani zabaryohereza gukora ibibi, nta n’umwe azocaruka.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالُواْ وَهُمۡ فِيهَا يَخۡتَصِمُونَ
Bazohazana bari mu muriro ku makosa yabo;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
تَٱللَّهِ إِن كُنَّا لَفِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٍ
Bavuga babwira ababahubushije bati: “Turarahiye kw’izina ry’Imana Allah! Ni ukuri, kw’isi twari mu buhuvyi bugaragara;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِذۡ نُسَوِّيكُم بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Mu kubasenga tubanganisha n’Imana Rurema w’ibiremwa vyose, Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَآ أَضَلَّنَآ إِلَّا ٱلۡمُجۡرِمُونَ
Burya nta cadukwegeye akaga kikadushikana aha turi, kiretse abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah baduhubishije, tukabumvira;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَمَا لَنَا مِن شَٰفِعِينَ
Ubwo none ga yemwe! Nta n’umwe yonadusabira akadukura muri ibi bihano turimwo!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَا صَدِيقٍ حَمِيمٖ
Nta n’umugenzi nkoramutima yotwumvira n’ikigongwe!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَلَوۡ أَنَّ لَنَا كَرَّةٗ فَنَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ese twopfuma dusubizwa kandi kw’isi tugaheza tukaba abemeramana koko!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri mu nkuru ya Ibrahimu, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wumva akikebuka. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru ntibahavuye bemera.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
كَذَّبَتۡ قَوۡمُ نُوحٍ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Abantu barungikiwe Intumwa Nuhu barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[4];
[4] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe, ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ نُوحٌ أَلَا تَتَّقُونَ
Igihe mwenewabo Nuhu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ
Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ
Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gusenga Imana Imwe Rudende Allah;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ
Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo".
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
۞ قَالُوٓاْ أَنُؤۡمِنُ لَكَ وَٱتَّبَعَكَ ٱلۡأَرۡذَلُونَ
Abantu ba Nuhu barinamuye bati: “Wewe ubona twokwemera gute ngo tugukurikire mu gihe wakurikiwe n’abantu ba nyarucari n’imbunuza!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ وَمَا عِلۡمِي بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) araheza abishura ati: “Sinjejwe kumenya ubuzima babayemwo; ico njejwe, ni ukubararikira ukwemera, burya ubutore n’icubahiro c’umuntu, biva ku kwemera Imana Allah, ntibiva ku muryango canke ku co ari mu kibano;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنۡ حِسَابُهُمۡ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّيۖ لَوۡ تَشۡعُرُونَ
Iharurirwa ryabo ku vyo bakoze, rijejwe Imana yanje Rurema Allah. Iyo muba muzi ko biri ukwo rero, ntimwari kunebagura abankurikiye;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَآ أَنَا۠ بِطَارِدِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Kandi nanje nyene sindota nirukana abemeramana bankurikiye uko bari kwose kugira ngo munyemere;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنۡ أَنَا۠ إِلَّا نَذِيرٞ مُّبِينٞ
Jewe burya nta kindi njejwe, kiretse ko ndi Umugabisha atomoye ku bihano vy’Imana Allah”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالُواْ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ يَٰنُوحُ لَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمَرۡجُومِينَ
Abantu ba Nuhu bahavuye bamutera ubwoba bati: “Nuhu! Utaretse iryo rarikiramana ryawe, ni ukuri nta kibuza, tuzokwicisha amabuye!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ رَبِّ إِنَّ قَوۡمِي كَذَّبُونِ
Nuhu amaze kwumva iterabwoba ryabo, yaratakambiye Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri abantu banje Wandungitseko, bangararije bimwe biboneka;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَٱفۡتَحۡ بَيۡنِي وَبَيۡنَهُمۡ فَتۡحٗا وَنَجِّنِي وَمَن مَّعِيَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ndagusavye rero ko Ufata ingingo idutandukanya mu guhonya abaguhakana bakagarariza Intumwa yawe, maze Undokore muri iryo honywa jewe hamwe n’abo turi kumwe mu bemeramana”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأَنجَيۡنَٰهُ وَمَن مَّعَهُۥ فِي ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ
Imana Allah Yarumviye Nuhu, maze Iramurokora muri nya honywa we hamwe n’abari kumwe na we mu bwato bwarimwo amoko yose y’ibiremwa.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا بَعۡدُ ٱلۡبَاقِينَ
Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah Twahonya abahakanye bakagarariza.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri, mu nkuru ya Nuhu n’ihonywa ry’abamugararije, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru, ntibahavuye bemera Imana Allah n’Intumwa zayo ngo bubahirize n’amabwirizwa yayo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
كَذَّبَتۡ عَادٌ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Bene Aadi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Huudi, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[5].
[5] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe, ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ هُودٌ أَلَا تَتَّقُونَ
Igihe mwenewabo Huudi yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ
Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ
Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose,
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَتَبۡنُونَ بِكُلِّ رِيعٍ ءَايَةٗ تَعۡبَثُونَ
Mbega mwubaka inyubakwa ndende aho hose hataramutse, mu ntumbero yo kwihambaza mukengera abarengana hepfo yanyu!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَتَتَّخِذُونَ مَصَانِعَ لَعَلَّكُمۡ تَخۡلُدُونَ
Mukigirira n’amazu y’intamenwa y’amagorofa; nk’aho muzokwama kw’isi ibihe bidahera;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِذَا بَطَشۡتُم بَطَشۡتُمۡ جَبَّارِينَ
N’iyo hagize uwo mucakira mu bantu mukamukubita canke mukamwica, mubikora ku kagagazo n’akarenganyo;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ
Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱتَّقُواْ ٱلَّذِيٓ أَمَدَّكُم بِمَا تَعۡلَمُونَ
Muheze mugamburukire Imana Allah Yabahaye inema muzi z’ubwoko bwose;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَمَدَّكُم بِأَنۡعَٰمٖ وَبَنِينَ
Yabahaye ibitungwa, Ibaha n’ibibondo;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَجَنَّٰتٖ وَعُيُونٍ
Ibaha n’imirima itotahaye hamwe n’amazi y’amariba atemba”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنِّيٓ أَخَافُ عَلَيۡكُمۡ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ
Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yarihanije abantu yarungitsweko ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vy’Imana Allah ku musi uhambaye, mu gihe mworendegera mu bugarariji, mwihakana n’inema zayo”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالُواْ سَوَآءٌ عَلَيۡنَآ أَوَعَظۡتَ أَمۡ لَمۡ تَكُن مِّنَ ٱلۡوَٰعِظِينَ
Abantu ba Huudi bamwamiriye kure bati: “Kuri twebwe rero, ukuduhanura kwawe n’ukutaduhanura, vyose ni co kimwe, ntiturota tukwemera namba!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا خُلُقُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Ivyo twemera si ikindi, kiretse ko ari imigenzo y’ab’aho hambere;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَا نَحۡنُ بِمُعَذَّبِينَ
Kandi rero twebwe ntituzohanirwa gukora ivyo utubuza”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَكَذَّبُوهُ فَأَهۡلَكۡنَٰهُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ
Bararendegeye rero mu guhakana bivuye inyuma, maze Twebwe Allah Duca Tubarungikira igihuhusi c’igikonyozi, Turabahonya. Mu vy’ukuri mw’ihonywa ryabo, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu. Ntumwa y’Imana! Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru ntibahavuye bakwemera.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
كَذَّبَتۡ ثَمُودُ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Bene Thamuudi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Swalehe, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[6].
[6] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe, ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ صَٰلِحٌ أَلَا تَتَّقُونَ
Igihe mwenewabo Swalehe yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza ibwirizwa ryo kuyisenga ari Imwe Rudende!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ
Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ
Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَتُتۡرَكُونَ فِي مَا هَٰهُنَآ ءَامِنِينَ
Mbega none, Imana yanyu Rurema Allah Ikwiye kubareka mukishira mukizana mu nema Yabahaye kw’isi mutekaniwe!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فِي جَنَّٰتٖ وَعُيُونٖ
Mu mirima itotahaye hamwe n’amazi y’amariba atemba!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَزُرُوعٖ وَنَخۡلٖ طَلۡعُهَا هَضِيمٞ
N’ibitara vy’ivyamwa n’ibiterwa hamwe n’itende zoroshe z’akanovera!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَتَنۡحِتُونَ مِنَ ٱلۡجِبَالِ بُيُوتٗا فَٰرِهِينَ
Mukanabaza mu misozi inzu mu buhinga butuma mwiyemera bidasanzwe!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ
Kubera ivyo rero, nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَا تُطِيعُوٓاْ أَمۡرَ ٱلۡمُسۡرِفِينَ
Ntimugakurikire namba ivyo mubwirwa n’abimonogoje mu bugarariji;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ٱلَّذِينَ يُفۡسِدُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا يُصۡلِحُونَ
Bagenzwa n’ubwononyi kw’isi, batigera bitwararika gukora ibitunganye”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مِنَ ٱلۡمُسَحَّرِينَ
Bene Thamuudi barinamuye babwira Swalehe bati: “Ni ukuri wewe, uri mu barozwe koko gushika n’aho utakigira n’ubwo kurahura!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
مَآ أَنتَ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُنَا فَأۡتِ بِـَٔايَةٍ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ
Wewe nta co uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Enda rero nyabuna zana icemezo cerekana ko uri Intumwa, niwaba koko uri mu mvugakuri ko Imana Allah Yakuturungitseko!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ هَٰذِهِۦ نَاقَةٞ لَّهَا شِرۡبٞ وَلَكُمۡ شِرۡبُ يَوۡمٖ مَّعۡلُومٖ
Swalehe yababwiye ati: “Ng’iyo ingamiya mwarungikiwe n’Imana Allah, kugira ibabere icemezo cerekana ko ndi mu kuri, yagenewe gushoka ku musi wayo na mwe mukaba murekuriwe kuvoma ku musi uzwi ukurikira;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَا تَمَسُّوهَا بِسُوٓءٖ فَيَأۡخُذَكُمۡ عَذَابُ يَوۡمٍ عَظِيمٖ
Ntimunayikomakome ku nabi ngo muyice imitsi. Nimwahirahira rero mukayikomakoma ku nabi, nta kizobuza ko mushikirwa n’ibihano vy’Imana Allah ku musi uhambaye”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَعَقَرُوهَا فَأَصۡبَحُواْ نَٰدِمِينَ
Ni ho rero bahakana, basimbira kuri nya ngamiya barayica imitsi, barayibaga, maze bazinduka bicuza ku vyo bakoze, bamaze kumenya neza ko bategerezwa guhanwa;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأَخَذَهُمُ ٱلۡعَذَابُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ
Baca bashikirwa rero n’ibihano vy’Imana Allah basezeraniwe na Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), birabahonya. Mu vy’ukuri mw’ihonywa rya Bene Thamuudi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku wushaka kwikebuka mu bantu. Hamwe n’ivyo rero, abenshi mu bashikiriwe n’iyo nkuru, ntibahavuye bemera Imana Allah.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
كَذَّبَتۡ قَوۡمُ لُوطٍ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Abantu ba Luutwi barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Luutwi, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[7].
[7] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe, ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِذۡ قَالَ لَهُمۡ أَخُوهُمۡ لُوطٌ أَلَا تَتَّقُونَ
Igihe mwenewabo Luutwi yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza amabwirizwa yayo!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ
Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ
Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَتَأۡتُونَ ٱلذُّكۡرَانَ مِنَ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Mbega none, karashize ingani mwabirane abagabo ku bagabo muri Bene Adamu!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَتَذَرُونَ مَا خَلَقَ لَكُمۡ رَبُّكُم مِّنۡ أَزۡوَٰجِكُمۚ بَلۡ أَنتُمۡ قَوۡمٌ عَادُونَ
Muheze mwirengagize kwabira abo mwaremewe n’Imana yanyu Rurema Allah mu bagore, ari na bo mwagenewe kugira muryoherwe muheze murondoke! Ahubwo rero, mwebwe muri abantu bimonogoje mu kuvogera imbibe z’ibibujijwe n’Imana Allah”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالُواْ لَئِن لَّمۡ تَنتَهِ يَٰلُوطُ لَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُخۡرَجِينَ
Abantu Luutwi yarungitsweko bahavuye bamutera ubwoba bati: “Luutwi! Utaretse kutubuza kwabirana abagabo ku bandi, ni ukuri nta kibuza, tuzokwomora utuvire mu gihugu!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ إِنِّي لِعَمَلِكُم مِّنَ ٱلۡقَالِينَ
Luutwi asubizayo ati: “Mu vy’ukuri, jewe ndi mu biyamiriza bivuye inyuma bakanashavuzwa cane n’ivyo mukora”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
رَبِّ نَجِّنِي وَأَهۡلِي مِمَّا يَعۡمَلُونَ
Luutwi amaze kwihebura ko batarota bamwumvira, yasavye Imana Allah avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nkingira jewe hamwe n’umuryango wanje inkurikizi z’ivyaha vy’agahomerabunwa bakora”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ
Ni ho rero Twebwe Allah, Twarokora Luutwi hamwe n’umuryango wiwe n’abitabiriye irarikiramana ryiwe;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِلَّا عَجُوزٗا فِي ٱلۡغَٰبِرِينَ
Kiretse umukecuru umwe muri bo atemeye, ari na we yari umugore wiwe, yari mu bategerezwa guhanwa;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ثُمَّ دَمَّرۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ
Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah Twarandurana n’imizi abahakanye bakagarariza;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَأَمۡطَرۡنَا عَلَيۡهِم مَّطَرٗاۖ فَسَآءَ مَطَرُ ٱلۡمُنذَرِينَ
Maze Tubakurikiza n’icucagirwa ry’amabuye amanuka avuye mu kirere nk’imvura y’urutavanako; ryari icucagirwa ry’amabuye ribi cane ku bihanijwe n’Intumwa bakanka kuzumvira!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri mw’ihonywa ry’abantu ba Luutwi, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bahakanyi bagarariza amabwirizwa y’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi muri bo ntibahavuye bemera.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
كَذَّبَ أَصۡحَٰبُ لۡـَٔيۡكَةِ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barahakanye bivuye inyuma Intumwa yabo Shu’ayibu, baca bafatwa nk’aho bahakanye Intumwa zose[8].
[8] Kuko Intumwa iyo ari yo yose irungitswe ibwiriza abo irungitsweko kwemera Intumwa zose.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِذۡ قَالَ لَهُمۡ شُعَيۡبٌ أَلَا تَتَّقُونَ
Igihe Shu’ayibu yababwira ati: “Ubwo ntimwogamburukira Imana Allah mukubahiriza amabwirizwa yayo!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينٞ
Mu vy’ukuri, jewe kuri mwebwe ndi Intumwa, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo ndabashikiriza;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ
Enda rero nyabuna nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera, muheze munyumvire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٍۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَىٰ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nta n’impembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Rurema Allah, Yo Mubungabunzi w’ibiremwa vyose.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
۞ أَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ وَلَا تَكُونُواْ مِنَ ٱلۡمُخۡسِرِينَ
Shu’ayibu yabwiye abo yarungitsweko ati: “Enda nimukwize ingero mu gihe mugereye abandi, kandi ntimukagabanye ku ngero mugeresha;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَزِنُواْ بِٱلۡقِسۡطَاسِ ٱلۡمُسۡتَقِيمِ
Mwongere mupimire abantu ku munzani utunganye, ukwiza ibiro;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَا تَبۡخَسُواْ ٱلنَّاسَ أَشۡيَآءَهُمۡ وَلَا تَعۡثَوۡاْ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُفۡسِدِينَ
Ntimukambure abantu ivyabo ku ngero, ku munzani, n’ibindi; eka ntimukagenzwe n’ubwononyi ubwo ari bwo bwose[9] kw’isi;
[9] Ni ubwononyi bushingiye ku gukwiragiza ibangikanyamana, ukwica no kwicisha umuntu hamwe no kumugirako iterabwoba canke kumwambura utwiwe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱتَّقُواْ ٱلَّذِي خَلَقَكُمۡ وَٱلۡجِبِلَّةَ ٱلۡأَوَّلِينَ
Muheze kandi mwikingire ko mwoshikirwa n’ibihano vy’Iyabaremye mwebwe hamwe n’abakurambere banyu”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالُوٓاْ إِنَّمَآ أَنتَ مِنَ ٱلۡمُسَحَّرِينَ
Abantu ba Shu’ayibu bamwishuye bati: “Ni ukuri wewe, uri mu barozwe koko gushika n’aho utakigira n’ubwo kurahura!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَآ أَنتَ إِلَّا بَشَرٞ مِّثۡلُنَا وَإِن نَّظُنُّكَ لَمِنَ ٱلۡكَٰذِبِينَ
Wewe nta n’ico uri, kiretse ko uri umuntu nkatwe, udusumbije igiki cotuma uba Intumwa! Mbere twibwira ko wewe ata nkeka uri mu babesha ko warungitswe kuba Intumwa;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَأَسۡقِطۡ عَلَيۡنَا كِسَفٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ إِن كُنتَ مِنَ ٱلصَّٰدِقِينَ
Saba rero Imana yawe Allah Itumanurireko ibihano bivuye mw’ijuru biduhonye, niwaba koko uri mu mvugakuri ko ari Yo Yakuturungitseko!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ رَبِّيٓ أَعۡلَمُ بِمَا تَعۡمَلُونَ
Shu’ayibu araheza abishura avuga ati: “Imana yanje Rurema Allah, ni Yo Izi neza ivyo mukora vyotuma Ibahana”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَكَذَّبُوهُ فَأَخَذَهُمۡ عَذَابُ يَوۡمِ ٱلظُّلَّةِۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٍ
Bahavuye rero barendegera mu guhakana bivuye inyuma Shu’ayibu, maze Imana Allah Ibahanisha ubushuhe bumena imbwa agahanga, baraheza bahungira nya bushuhe musi y’igicu kibaha agatutu n’akayaga. Bamaze kwiyegeraniriza hamwe bose musi ya nya gicu, ni ho Imana Allah Yaca Irungika umuriro ubaturira bose, mu vy’ukuri cari igihano c’ihonywa ku musi uhambaye.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗۖ وَمَا كَانَ أَكۡثَرُهُم مُّؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri, mw’ihonywa ry’abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bahakanyi bagarariza amabwirizwa y’Imana Allah. Hamwe n’ivyo rero, abenshi muri bo ntibahavuye bikebuka ngo bemere.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّ رَبَّكَ لَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni ukuri ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّهُۥ لَتَنزِيلُ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Mu vy’ukuri, iyi Qor’ani icira abantu ku mayange kahise k’ivyashikiye Intumwa n’abo zarungitsweko, Yamanuwe ivuye ku Mana Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
نَزَلَ بِهِ ٱلرُّوحُ ٱلۡأَمِينُ
Ntumwa y'Imana! Iyo Qor’ani yamanukanwe na Mutimamweranda akaba n’umwizigirwa Jibrili;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
عَلَىٰ قَلۡبِكَ لِتَكُونَ مِنَ ٱلۡمُنذِرِينَ
Araheza arayigusomera urayizigama mu mutima, uranatahura n’ingingo zirimwo, kugira ube Intumwa mu zindi Ntumwa zigabisha abo zarungitsweko ku bihano vy’Imana Allah, uheze ugabishe rero abantu bose co kimwe n’amajini.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
بِلِسَانٍ عَرَبِيّٖ مُّبِينٖ
Akaba yayimanukanye iri mu rurimi rw’icarabu rutomoye, harimwo ingingo zose nkenerwa mu gutunganya ivy’ubuzima bwo kw’isi n’ivy’ubw’inyuma yo gupfa.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِنَّهُۥ لَفِي زُبُرِ ٱلۡأَوَّلِينَ
Mu vy’ukuri ivugwa ry’iyi Qor’ani, ni ukuri riri mu Bitabu vy’Intumwa zo hambere yawe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَوَلَمۡ يَكُن لَّهُمۡ ءَايَةً أَن يَعۡلَمَهُۥ عُلَمَٰٓؤُاْ بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ
Ntumwa y’Imana! Mbega abaguhakana, ntivyari bikwiye kubabera icemezo cotuma bemera ko uri Intumwa, kuba abamenyi muri Bene Israyeli bazi neza na neza ko uri Intumwa vy’ukuri, n’uko Qor’ani ari ukuri kudahinyuzwa![10].
[10] Mu bamenyi bo muri Bene Israyeli, ni uwitwa Abdu llaahi mwene Salaam, yahavuye yemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَوۡ نَزَّلۡنَٰهُ عَلَىٰ بَعۡضِ ٱلۡأَعۡجَمِينَ
N'iyo Twebwe Allah Tumanurira Qor’ani bamwe mu batavuga ururimi rw’icarabu;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَقَرَأَهُۥ عَلَيۡهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ مُؤۡمِنِينَ
Maze bakayisomera abagarariji mu Bakorayishi mu carabu gitomoye, ntibari kuyemera namba, bari no kurondera icitwazo c’ukwo kutemera.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
كَذَٰلِكَ سَلَكۡنَٰهُ فِي قُلُوبِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ
Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Twateye amakenga yo kutemera Qor’ani mu mitima y’abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yacu;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
لَا يُؤۡمِنُونَ بِهِۦ حَتَّىٰ يَرَوُاْ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَلِيمَ
Ntibarota bemera rero, gushika biboneyeko ibihano bibabaza basezeraniwe;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَيَأۡتِيَهُم بَغۡتَةٗ وَهُمۡ لَا يَشۡعُرُونَ
Maze nya bihano bibashikire giturumbuka ata vyo bari biteze;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَيَقُولُواْ هَلۡ نَحۡنُ مُنظَرُونَ
Baheze bicuze bavuga bati: “Ubwo ntitworindirizwa na gato kugira twigaye ku Mana Allah, duheze tuyemere!”;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَفَبِعَذَابِنَا يَسۡتَعۡجِلُونَ
Bahenzwe n’uko Twebwe Allah Dutenyenya kubahana, baraheza bihutira gusaba ko Twobahana!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَفَرَءَيۡتَ إِن مَّتَّعۡنَٰهُمۡ سِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Mbega wari uzi ko n’aho abagarariji Twobaha kuryoherwa mu buzima bwo kw’isi imyaka n’iyindi;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ثُمَّ جَآءَهُم مَّا كَانُواْ يُوعَدُونَ
Hanyuma bagashikirwa n’ibihano basezeraniwe;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
مَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يُمَتَّعُونَ
Ukuryoherwa muri nya buzima imyaka n’iyindi, ata co kwobamarira mu gihe batarigaya ku Mana Allah icaha c’ibangikanyamana!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَآ أَهۡلَكۡنَا مِن قَرۡيَةٍ إِلَّا لَهَا مُنذِرُونَ
Nta ho vyakabaye rero ko Twebwe Allah, Duhana Tugahonya agacimbiri na kamwe k’abantu b’aho hambere, kiretse ko Twabanza kukarungikira Intumwa zikagabisha ku bihano vyacu;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ذِكۡرَىٰ وَمَا كُنَّا ظَٰلِمِينَ
Nya Ntumwa rero zigaheza zikibutsa nya gacimbiri kwubahiriza amabwirizwa yacu. Ntitwari kurenganya rero umugwi uwo ari wo wose w’abantu ngo Tuwuhane imbere yuko Tuwurungikira Intumwa.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَا تَنَزَّلَتۡ بِهِ ٱلشَّيَٰطِينُ
Nta mashetani yigeze amanurira Qor’ani Intumwa Muhamadi nk’uko abagarariji bibwira;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَمَا يَنۢبَغِي لَهُمۡ وَمَا يَسۡتَطِيعُونَ
Ico kizire rero ku mashetani, eka nta n’ico yoshobora;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّهُمۡ عَنِ ٱلسَّمۡعِ لَمَعۡزُولُونَ
Mu vy’ukuri, ayo mashetani ntashoboye no gusuma urusaku kw’ihishurirwa rya Qor’ani mu gihe imanuwe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَلَا تَدۡعُ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتَكُونَ مِنَ ٱلۡمُعَذَّبِينَ
Ntukabangikanye rero Imana Allah mu kuyisenga hamwe n’iyindi mana, wohava uba mu bahanirwa ibangikanyamana.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَأَنذِرۡ عَشِيرَتَكَ ٱلۡأَقۡرَبِينَ
Ntumwa y’Imana! Gabisha rero ku bihano vy’Imana Allah abari hafi yawe, na canecane mu muryango wawe;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱخۡفِضۡ جَنَاحَكَ لِمَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Uheze worohere mu mvugo n’ingiro abemeramana bagukurikiye, mu kwicisha bugufi no kubumvira impuhwe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَإِنۡ عَصَوۡكَ فَقُلۡ إِنِّي بَرِيٓءٞ مِّمَّا تَعۡمَلُونَ
Nibaca kubiri n’ingingo yawe, uraheza ubabwire uti: “Mu vy’ukuri jewe, nditandukanije n’ivyo mukora mw’ibangikanyamana”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱلۡعَزِيزِ ٱلرَّحِيمِ
Maze wishimikize unizere Imana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ٱلَّذِي يَرَىٰكَ حِينَ تَقُومُ
Ni Yo Ikubona mu gihe ugira usenge wenyene mu gicugu;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَتَقَلُّبَكَ فِي ٱلسَّٰجِدِينَ
Ikabona n’ukungene ugira uri kumwe n’abayubamira mw’isengesho, haba mu gihe uhagaze, wunamye, wubamye canke wicaye;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Mu vy’ukuri Iyo Mana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva igisomwa, ininahaza n’itaziramana vyawe; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo ukora n’ivyo uzirikana.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
هَلۡ أُنَبِّئُكُمۡ عَلَىٰ مَن تَنَزَّلُ ٱلشَّيَٰطِينُ
Bantu! Mbega ndababwire uwururukirwa na shetani uwo ari we?
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
تَنَزَّلُ عَلَىٰ كُلِّ أَفَّاكٍ أَثِيمٖ
Burya shetani, yururukira uwo wese yimonogoza mu kubesha, yuzuye ivyaha muri ba senyagara n’abapfumu;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
يُلۡقُونَ ٱلسَّمۡعَ وَأَكۡثَرُهُمۡ كَٰذِبُونَ
Amashetani araheza agasuma urusaku mu kwumviriza inkuru y’ibivugwa mu biremwa vyo mw'ijuru; maze agahereza nya nkuru ba senyagara n’abapfumu, kandi abenshi muri bo barabesha.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱلشُّعَرَآءُ يَتَّبِعُهُمُ ٱلۡغَاوُۥنَ
Burya n’abivuzi b’amazina bashingira ku kinyoma n’ububeshi, maze abahuvye inzira na bo bakabakurikira;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَلَمۡ تَرَ أَنَّهُمۡ فِي كُلِّ وَادٖ يَهِيمُونَ
Ntumwa y’Imana! Ntiwabonye ko abivuzi b’amazina, bapfa ivyo bavuze batagira intumbero[11]; nk’intungwa yaciye ikiziriko itagira iyo iva n’iyo ija;
[11] Mu guhonyanga agateka k’imiryango.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَأَنَّهُمۡ يَقُولُونَ مَا لَا يَفۡعَلُونَ
N’uko bavuga ivyo batigera bakora, bakivuga abanyabinyoma, bagatyoza imvugakuri!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَذَكَرُواْ ٱللَّهَ كَثِيرٗا وَٱنتَصَرُواْ مِنۢ بَعۡدِ مَا ظُلِمُواْۗ وَسَيَعۡلَمُ ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ أَيَّ مُنقَلَبٖ يَنقَلِبُونَ
Havuyemwo gusa abivuzi b’amazina bemeye bakanakora n’ivyiza bitegetswe, bakananinahaza batazira cane Imana Allah, bagaheza rero bakivuga amazina mu guharanira ubwislamu[12] no kurwanira Intumwa y'Imana mu kwishura abivuzi b’amazina b’abagarariji. Abirenganije rero mw’ibangikanyamana[13], bazoteba bamenye ingaruka mbi cane zibarindiriye.
[12] Nko kwigisha ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende, gutsimbataza urupfasoni n’imigenzo myiza, n’izindi nyigisho ngirakamaro.
[13] Hamwe no mu gutyoza agateka n’icubahiro c’abantu no kubakorera inteba ishushe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
 
අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: සූරා අෂ් ෂුඅරාඋ
සූරා පටුන පිටු අංක
 
ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - الترجمة الكيروندية - පරිවර්තන පටුන

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

වසන්න