ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - الترجمة الكيروندية * - පරිවර්තන පටුන

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

අර්ථ කථනය වාක්‍යය: (53) පරිච්ඡේදය: සූරා අල්-අහ්සාබ්
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَدۡخُلُواْ بُيُوتَ ٱلنَّبِيِّ إِلَّآ أَن يُؤۡذَنَ لَكُمۡ إِلَىٰ طَعَامٍ غَيۡرَ نَٰظِرِينَ إِنَىٰهُ وَلَٰكِنۡ إِذَا دُعِيتُمۡ فَٱدۡخُلُواْ فَإِذَا طَعِمۡتُمۡ فَٱنتَشِرُواْ وَلَا مُسۡتَـٔۡنِسِينَ لِحَدِيثٍۚ إِنَّ ذَٰلِكُمۡ كَانَ يُؤۡذِي ٱلنَّبِيَّ فَيَسۡتَحۡيِۦ مِنكُمۡۖ وَٱللَّهُ لَا يَسۡتَحۡيِۦ مِنَ ٱلۡحَقِّۚ وَإِذَا سَأَلۡتُمُوهُنَّ مَتَٰعٗا فَسۡـَٔلُوهُنَّ مِن وَرَآءِ حِجَابٖۚ ذَٰلِكُمۡ أَطۡهَرُ لِقُلُوبِكُمۡ وَقُلُوبِهِنَّۚ وَمَا كَانَ لَكُمۡ أَن تُؤۡذُواْ رَسُولَ ٱللَّهِ وَلَآ أَن تَنكِحُوٓاْ أَزۡوَٰجَهُۥ مِنۢ بَعۡدِهِۦٓ أَبَدًاۚ إِنَّ ذَٰلِكُمۡ كَانَ عِندَ ٱللَّهِ عَظِيمًا
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukinjire mu mihana y’Umuvugishwamana mutabanje kudodora ngo abemerere kwinjira, anabazimane ku mfungurwa mutarinze guteramira mu kurindira ko zisha; ariko mu gihe mwotumirwa murinjira, maze mufungure. Mumaze gufungura rero, muraca mukura meza mutarinze guteramira ku kiyago, mu vy’ukuri uguteramira mu mihana yiwe mu kurindira ko imfungurwa zisha, hamwe no guteramira ku kiyago muhejeje gufungurirwa, birageramira Umuvugishwamana akagira isoni zo kubasohora kandi abifitiye uburenganzira; mu vy’ukuri Imana Allah, ntigira isoni zo kugaragaza ukuri. Nihagira rero ibintu nkenerwa mu dukoresho two mu nzu n’ibindi mwipfuza gusaba abakenyezi b’Intumwa, murabisabira inyuma y’ipaziya. Ivyo rero, ni vyo vyeza cane imitima yanyu n’imitima yabo, mu kutagira akarigangamuhogo k’inyoshambi, kanatsinda ntimukwiye kubangamira namba Intumwa mu mvugo canke mu ngiro, eka ntimunarekuriwe namba mu nyuma yayo kwabira abakenyezi bayo, kuko ari abavyeyi banyu. Mu vy’ukuri, ukubangamira Intumwa kwanyu mu mvugo canke mu ngiro, hamwe no kwabira abakenyezi bayo mu nyuma yayo, ni icaha rutura ku Mana Allah.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
 
අර්ථ කථනය වාක්‍යය: (53) පරිච්ඡේදය: සූරා අල්-අහ්සාබ්
සූරා පටුන පිටු අංක
 
ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - الترجمة الكيروندية - පරිවර්තන පටුන

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

වසන්න