Check out the new design

ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි * - පරිවර්තන පටුන

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: ගාෆිර්   වාක්‍යය:
۞ وَيَٰقَوۡمِ مَا لِيٓ أَدۡعُوكُمۡ إِلَى ٱلنَّجَوٰةِ وَتَدۡعُونَنِيٓ إِلَى ٱلنَّارِ
Emwe bantu banje! Bishoboka gute ko ndabararikira kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo Musa, kugira muhabwe Ubwami bw’ijuru, na mwe mukandarikira gukora ibinjana mu muriro!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
تَدۡعُونَنِي لِأَكۡفُرَ بِٱللَّهِ وَأُشۡرِكَ بِهِۦ مَا لَيۡسَ لِي بِهِۦ عِلۡمٞ وَأَنَا۠ أَدۡعُوكُمۡ إِلَى ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡغَفَّٰرِ
Mundarikira kugarariza Imana Allah no kuyibangikanya n’ivyo ntafitiye ubumenyi, ko bikwiye gusengwa mu gishingo cayo, mu gihe jewe ndabararikira gukurikira inzira ibashikana ku Mana Allah Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshi;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
لَا جَرَمَ أَنَّمَا تَدۡعُونَنِيٓ إِلَيۡهِ لَيۡسَ لَهُۥ دَعۡوَةٞ فِي ٱلدُّنۡيَا وَلَا فِي ٱلۡأٓخِرَةِ وَأَنَّ مَرَدَّنَآ إِلَى ٱللَّهِ وَأَنَّ ٱلۡمُسۡرِفِينَ هُمۡ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِ
Ni ivy’ukuri rero, ko ivyo mundarikira kwemera, bidakwiye kurarikirwa ngo bisengwe, eka ntibinakwiye kwizerwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, kuko ata co bishoboye. Nimumenye rero, ko ibiremwa twese tuzosubira ku Mana Allah, kugira Ihembere umwumwe wese ku vyo yakoze; mumenye n’uko, abimonogoje mu bugarariji, bakagenzwa n’ubwononyi bwo gusesa amaraso kw’isi, ari bo bantu bo mu muriro udahera”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَسَتَذۡكُرُونَ مَآ أَقُولُ لَكُمۡۚ وَأُفَوِّضُ أَمۡرِيٓ إِلَى ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ بَصِيرُۢ بِٱلۡعِبَادِ
Wa mwemeramana amaze kubahanura bakamwirengagiza, yababwiye ati: “Burya, bitebe bitebuke, muzokwibuka ko nabahanuye ata co mugikiza. Nayo jewe, ndikinze ku Mana Allah mu kuyishimikiza. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَوَقَىٰهُ ٱللَّهُ سَيِّـَٔاتِ مَا مَكَرُواْۖ وَحَاقَ بِـَٔالِ فِرۡعَوۡنَ سُوٓءُ ٱلۡعَذَابِ
Ni ho rero uyo mwemeramana mu bantu ba Firawuni, Imana Allah Yamukingira ubugizi bwa nabi bwa Firawuni n’abunganizi biwe, maze bahitanwa n’igihano kibi c’akataraboneka, co gusomeshwa nturi;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ٱلنَّارُ يُعۡرَضُونَ عَلَيۡهَا غُدُوّٗا وَعَشِيّٗاۚ وَيَوۡمَ تَقُومُ ٱلسَّاعَةُ أَدۡخِلُوٓاْ ءَالَ فِرۡعَوۡنَ أَشَدَّ ٱلۡعَذَابِ
Bashoka bahona. Hanyuma, aho bari mu kuzimu bacishwa mu bihano vy’umuriro igitondo n’umugoroba[4], no ku musi w’izuka ry’ibiremwa, abamalayika bacungereye umuriro bazobwirwa bati: “Nimushire abantu ba Firawuni mu bihano bikaze vyo mu muriro”.
[4] Iyi Aayah, ni icemezo gikwiye mu kwemeza ko ibihano vyo mu mva ari ivy’ukuri.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِذۡ يَتَحَآجُّونَ فِي ٱلنَّارِ فَيَقُولُ ٱلضُّعَفَٰٓؤُاْ لِلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُوٓاْ إِنَّا كُنَّا لَكُمۡ تَبَعٗا فَهَلۡ أَنتُم مُّغۡنُونَ عَنَّا نَصِيبٗا مِّنَ ٱلنَّارِ
Igihe rero abantu bo mu muriro batanyeko imiragwe baharira hagati yabo, maze abapfuye gukurikira abandi, bakabwira indongozi zabo bakurikiye, zagira amanyama mu kutemera Imana Allah, bati: “Twebwe mu vy’ukuri, ni mwebwe twumviye kw’isi turabakurikira; aho none ga ntu, kuri uno musi ntimwoza tukabagerurira ku mutwaro wacu w’ibihano vyo mu muriro!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
قَالَ ٱلَّذِينَ ٱسۡتَكۡبَرُوٓاْ إِنَّا كُلّٞ فِيهَآ إِنَّ ٱللَّهَ قَدۡ حَكَمَ بَيۡنَ ٱلۡعِبَادِ
Indongozi zabo bakurikiye, zagira amanyama mu kutemera Imana Allah, zizokwigovyora ziti: “Ntidushoboye namba kubaremurura umutwaro wanyu w’ibihano vyo mu muriro, kuko twese mu vy’ukuri turi muri vyo, mu vy’ukuri Imana Allah ku butungane bwayo, Yamaze guha umwumwe wese muri twebwe ibihano bikwiranye n’ivyo yakoze”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَقَالَ ٱلَّذِينَ فِي ٱلنَّارِ لِخَزَنَةِ جَهَنَّمَ ٱدۡعُواْ رَبَّكُمۡ يُخَفِّفۡ عَنَّا يَوۡمٗا مِّنَ ٱلۡعَذَابِ
Abari mu muriro udahera rero, bose bazobwira abamalayika “Al-Zabaaniya” bacungereye Jahannamu babinginga bati: “Enda nimudusabire ku Mana yanyu Rurema Allah, maze Idutezurire mu bihano n’umusi n’umwe, duheze turuhuke na gato!”;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
 
අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: ගාෆිර්
සූරා පටුන පිටු අංක
 
ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි - පරිවර්තන පටුන

යූසුෆ් ගහීති විසින් පරිවර්තනය කරන ලදී. අප්‍රිකානු සංවර්ධන පදනම විසින් නිකුත් කරන ලදී.

වසන්න